Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":
Home -- Kirundi -- 01. Conversation -- 6 Unity of the Trinity
This page in: -- Arabic? -- Cebuano -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Hausa -- Igbo -- Indonesian -- KIRUNDI -- Russian -- Somali -- Telugu -- Ukrainian -- Uzbek -- Yoruba

Previous booklet -- Next booklet

01. Ikiganiro n’aba Islamu kuvya Kristo

6 - IBANGA RY’ UBUMWE BW’UBUTATU BWERANDA RYOSIGURIRWA GUTE UMU ISLAMU

Ikigira kabiri c’icigisho menyeshamana kizibira aba Islamu kuba abakristo ni ukubona ko bizera imana zitatu. Mbega korowani yigisha iki kuri ibi? Ukudatahura Data, Umwana, na Mpwemu Yera vyateye ubuhombe muri Islamu? Wofasha gute umu Islamu ngo yiyugururire Imana Data biciye mu Mwana Wayo Yesu Kristo? Ibi bibazo kandi birabazwa bisunze Isezerano rya Kera, Rishasha, ubumenyi busanzwe, Kororwani hamwe n’intahe yawe.



6.01 -- IBANGA RY’ UBUMWE BW’UBUTATU BWERANDA RYOSIGURIRWA GUTE UMU ISLAMU

Umuntu wese aganiriye n’umu Islamu aca abona ko aba Islamu bibaza ko kwemera Imana Data, Umwana, na Mpwemu Yera ari icaha kidaharirwa. Ndemeye y’aba Islamu ivuga ko atayindi Mana ihari atari Allah! Umuntu wese yongeyeko Umwana canke Mpwemu Yera ku Muremyi aca afatwa ko ari umwansi wa Allah n’abamarayika biwe bose (Sura al-Baqara 2:97-98; al-Ma'ida 5:73).

6.02 -- Ihakanwa ry’Ubutatu Bweranda muri Islamu

Hari uburyo butandukanye aba Islamu bakoresha mukwihakana Ubutatu Bweranda. Ibi biza kuvugwa muncamake nk’amakuru twokoresha mukuganira n’aba Islamu.

Muhamedi yatumye aba Islamu biyumvira : "Ntimuvuge gatatu ! Ivyo bizobabera vyiza!" (Sura al-Nisa' 4:171). "Nyina w’Imana ntabaho mbere na Allah ntamwana yamuvyariye." (Sura al-Ma'ida 5:116). "Ntihakagire umuntu agira uwundi muntu nk’Imana yiwe" (Sura Al 'Imran 3:64; al-Tawba 9:31). "Allah si Kristo" (Sura al-Ma'ida 5:17, 72; al-Tawba 9:31). " Ku Mana rugiravyose nticari ikigoye gukuraho Christo na nyina wiwe, iyo bigira Imana" (Sura al-Ma'ida 5 :17).

6.03 -- Ukwihakana ubumana bwa Yesu Kristo

Ukwatura ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana vyiyamirizwa incuro icumi n’indwi muri Korowani (Sura al-Tawba 9 :30). ' Isa yitwa gusa Umwana wa Mariya ariko kizire ko yitwa Umwana w’Imana. Avuga ko ari ikiremwa nka Adamu (Sura Al 'Imran 3:59). Allah yategetse: Baho! biraba (Sura al-Baqara 2:117; Al 'Imran 3:47,59; Maryam 19:35). Uku si ukuri, kuko no muri Korowani Allah yavuze neza: " Twahumekeye impwemu yacu muri we (Mariya)"; kugira 'Isa aremegwe muri we (Sura al-Anbiya' 21:91; al-Tahrim 66:12). Aba Islamu bizera ukuvuka kwa Yesu ku nkumi Mariya, bakananyuranya n’ivyo abakristo bemera: Yararemwe, ntiyavutse canke ngo avyarwe na Allah.

Korowani ivuga Kristo ari umuja wa Allah (Sura Al 'Imran 3:172; Maryam 19:30), umuserukizi (Sura al-Baqara 2:87; Al 'Imran 3:49,53; al-Nisa' 4:157,171; al-Ma'ida 5:75; al-An'am 6:61) intumwa yiwe (Sura Maryam 19:30). Yishikanye kuri Allah (Sura al-Ma'ida 5: 52,117; al-Tawba 9:31), Yasenze Elohim (Allahumma; Sura al-Ma'ida 5:114) Kandi ko yemera ko Allah ari shebuja, amutegeka ivyo akora (Sura Al 'Imran 3:51; al-Ma'ida 5:72,114,117; Maryam 19:36; al-Shura 42:13; al-Zukhruf 43:64).

Muri iyi mirongo mirongo itanu yo muri Korowani yaka ubumana Yesu. Ivyo intumwa Yohana yavuze biraraba aba Islamu nabo. (1 John 2:18-25; 4:1-5).

6.04 -- Uguhakana ubumana bwa Mpwemu Yera

Nivyiza ko tumenya ko korowani idahakana gusa Kristo ko atari Imana ariko ivuga ko Mpwe Yera adashobora kuba Imana. Allah avuga incuro nyishi Impwemu "Yacu" (Sura Maryam 19:17; al-Anbiya' 21:91; al-Tahrim 66:12), canke impwemu “yanje" (Sura Sad 38:72; al-'Ankabut 29:15), uko ubivuga kwose baguma bavuga ko iyo mpwemu yaremwe kandi atari Imana. Muri Islamu Mpwemu Yera ntatahuritse kuko Allah ashobora kuba umwe si babiri canke batatu.

Imigenzo ya ki Islamu isigura ko Jibril (umumarayika Gaburiyeri) ariwe mpwemu iva kwa Allah (Sura al-Baqara 2:97-98; al-Tahrim 66:4) ari nawe yatanze ihishugwa rivuye ku Mana arihishurira Zakariya, Mariya, Isa na Muhamedi. Avugwa ko ari “impwemu y’Imana", uwo yateye intege Yesu mugukora ibitangaza (Sura al-Baqara 2: 87,253; al-Ma'ida 5:110; al-Nahl 16:102). Muri Islamu iyi mpwemu iguma ari umuja wa Allah, ari nawe abaha itegeko (Sura al-Qadr 97:4; al-Isra' 17:85; al-Shura 42:52), akaba anashitsa ivyo atumwe mubwizigigwa (Sura al-Shu'ara 26:193). Arubashwe cane n’aba Islamu naho batazi uwo ariwe vyukuri.

6.05 -- Habuze iki muri Islamu?

Twihweje iyi ncamake, abaza kwiyumvira muburyo bw’impwemu hari ibintu ngenderwako baca batahura mugihe bagomvye kuganira n’aba Islamu: Muri Islamu nta Data nta Mwana nta na Mpwemu Yera (Sura al-Ikhlas 112:1-4).

Nta bufasha bubereye bwo mu buryo bw’impwemu kuvya Mana-Data, nta n’imigenderanire y’umuntu ku giti ciwe na Mushobora vyose, nta n’icemeza ko ivyaha vyacu cyose biharigwa, nta n’uburyo wonatahura Ubutatu Bweranda (1 Korinto 12:3; Romans 8:8-10,15-16), nta vyamwa vya Mpwemu (Galatians 5:16-26) na nicemeza ivyizigiro vy’ubugingo budashira (Yoh 11:25-26). Aho mpwemu w’Imana atavuzwe nta vyiyumviro vy’impwemu nta n’ubuzima rukristo.

Hambavu y’inguvu zacu twokoresha muguha no mukwugururira ubutumwa bwiza kuba Islamu, amasengesho ya buri musi arakenewe cane kugira Yesu aze ategure abantu biwe biciye kuri Mpwemu Yera ngo abahe ubuntu bwo kwumva ijambo Ryiwe, anaritahure ndetse anarikore. Nta muntu n’umwe azoshobora gusigura uko bibereye Ubutatu Bweranda ku ba Islamu kiretse Mpwemu abahaye kwumva ko Imana y’ukuri ibateguye kwumva no kwakira no kumurikirwa mu buryo bw’Impwemu ngo umuco winjire umwiza uri mu mitima y’abantu.

Asangwa tugomba gusigurira Ubutumwa Bwiza aba Islamu ntituzotangazwe n’uko bahakana mbere n’impwemu ya antikristo tuzogaragarizwa nabo. Urukundo rwa Kristo rusumba urunani rwimibabaro y’ukubohwa kuri muri Islamu. Urondera insiguro zihagije kugira usigure ivy’ubumwe bw’Ubutatu ku ba Islamu hari ahantu hatanu woshobora kubikura:

6.06 -- Uko Isezerano rya Kera rishingira intahe Ubumwe bw’Ubutat

Muri Torati n’abavugishwa dushobora gusangamwo amategeko menshi avuga ko Imana ari imwe mubutatu. Intahe yo mw’Isezerano rya Kera ni ngirakamaro kumu Islamu abikeneye kubera yerekana ko Ubutatu Bweranda atari ikintu cazanywe n’abakristo ariko bwahoze mu Mana kera ubwambere nambere.

Imirongo yambere iri muri Bibiliya yerekana Ubutatu Bweranda:

Itangurio 1:1-3: Ubwambere nambere Imana yaremye ijuru n’isi. Isi yari ikiri ubuziba gusa, kandi umwiza wari upfutse idamba: Kandi Mpwemu w’Imana yatambatamba hejuru y’amazi, Imana iravuga iti nihabeho umuco: umuco ubaho.

Muri iyi ncamake ya Bibiliya dusoma ivy’ Imana, Mpwemu yayo n’Ijambo ryayo. Umuvugabbutumwa Yohana Yatuye ko Imana yaremye vyose muri Kristo Yesu, jambo yigize umuntu (Yoh 1:1-4).

Iyi mirongo yambere yo muri Bibiliya izoturongora ngo tubaze Imana ko yotambatamba kuri buri mu Islamu, imiryango, umutumba, igisagara, n’igihugu cose, ivyiyumviro vyabo n’imitima yabo bigategurwa kugera aho Imana ivuga ngo: "Nihabeho umuco!" Umuco ukahaba!

Mw’Itanguriro 1:26 Imana iravuga: Imana iravuga iti tureme umuntu mw’ishusho Yacu, ase Natwe!

Imana (Elohim) rimwe na rimwe ivuga mubwinshi (tu), ivyo bikaba vyerekana Ubutatu. Abayuda n’aba Islamu bavugako ubu bwinshi ari pluralis majestatis. Mubiganiro n’umugwi w’abakristo bari baje bava Wadi Nadjran (Yemeni yaruguru) Muhamedi yarakozweko cane nawe nyene yemerera Allah ko avugana nawe muburyo bw’ubwinshi muri Korowani.

Elohim, ijambo ry’igiheburayo riri mubwishi. "El" risigura ubushobozi, mushoboravyose, inguvu (Mat. 26:64), "we" isigura "Bo", kugira Elohim rishobore gusomwa “Ubushobozi ni ubwinshi. Ijambo Allah muri Islamu ritahurika muri ubwo buryo nyene, nico gituma "al-el-hu" ishobora gusomwa ngo " niwe bushobozi" (urudende gusa)! Imana ya Bibiliya itegerezwa gutahurwa nk’ubumwe mubwinshi. Muhamedi yiganye ijambo Elohim mu rurimi rw’icarabu aca arikoresha nka Allahumma incuro zitanu mu mirongo ngirakamaro yo muri Korowani (Sura Al 'Imran 3:26; al-Ma'ida 5:114; al-Anfal 8:32; Yunis 10:10; al-Zumar 39:46). Kubwiwe izina ry’Imana riri mw’isezerano rya Kera ryari nk’urupfunguzo rutuma amasengesho yishugwa kandi akanashitswa.

Mw’ Itanguriro 18:1-3 dusoma ko Aburahamu yagendewe n’abantu batatu. Ariko abita ngo "Mana Yanje", iyo nayo ikaba iri murudende.

Mu Guharura 6:24-27 tubona umuhezagiro wa Aroni, aho Imana ivugwa incuro zitatu. Amashengero amwe amwe abona uwo muhezagiro nk’uko ari uwa Data, Umuhezagiro w’Umwana ndetse n’umuhezagiro wa Mpwemu Yera ko ari umuhezagiro w’Imana Imwe.

Muri Zaburi 2:1-4 Dusoma ukugumuka kw’umwana w’umuntu ku Mana no kuwo Yasize amavuta (Mesiya). Ariko Imana mushobora vyose arabatwengera mw’ijigo aca yivugira ijambo rimwe gusa: "Uri Umwana Wanje uyu musi ndakuvyaye!" (Zaburi 2:7). Iri hishugwa ryabonetse imyaka igighumbi imbere y’ivuka rya Yesu Kristo. Yerekana ko vyihuta muburyo bw’impwemu ko Umwana avuye ku Kuri Se kuva ubwambere nambere, ivyo ntibishobora kwitiranwa n’ukuvyara kw’Umubiri kwa Mariya. Yesu yabayeho imbere cane yuko yambara umubiri. Ni Imana ihoraho yavuye ku Mana ihoraho! (Yoh 1:14; Abifilipi 2:6-7).

Yesaya 9:6 ni ikindi kimeneyetso kigaragaza ubumwe bw’Ubutatu: Kuko Umwana atuvukiye, duhawe Umwana w’umuhungu, ubutware buzoba kubitugu vyiwe. Azokwitwa igitangaza, Umujenema, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umwami w’amahoro.

Uyu murongo udusigurira ko Umwana twari twarasezeraniwe atari Umujenama w’Igitangaza n’Imana y’ubushobozi gusa ariko ko muriwe Data Uhoraho ubwiwe ariwe yihinduye Umuntu. Nihehe twigeze kubona umwana avuka akongera akaba se? Uku guhishugwa kwaje imyaka 700 Imbere y’uko Yesu Kristo aza Kuba aha kuri iyi si. Uyu murongo ni ikimenyamenya ku kwamaho ibihe vyose kw’Imana imwe mubutatu.

Zaburi 110:1 Humvikana ibisa nk’uwuvuza ingoma muri ibibihe ndetse no mubihe bitazoshira. Handitse ngo: Uhoraho yabariye Umwami wanje: "Icara iburyo bwanje, ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava y’ibirenge vyawe."

Ishengero ryambere ryaratahuye uyu murongo nk’isezerano ryahawe Yesu amaze kuduzwa akavyagira mw’ijuru (Matayo 26:64; Ivyakozwe 2:25,34; 1 Korinto 15:25; Filipi 2:8-9; Hebrews 10:12-13). Umwana yicaranye na Se kuntebe yiwe yinganji (Ivyah. 3:21). Bose baganza isi mu bumwe. Kubera Umwana yari yarangije gucungura isi Data azoca ashira abansi biwe bose " indava y’ibirenge vyiwe!" Iri sezerano rizoshika kuri buri nguvu zose za antikristo kandi bikanagaragaza intsinzi y’Imana yacu!

Abantu bose bagomba kuganira n’aba Islamu bategerezwa gushimikira kw’Isezerano rya Kera kugira basigure ubumwe bwa Kristo na Se, Kuko ivyo bakoze mw’Isezerano Rishasha vyabonetse nk’ibitoharirwa "Ngombwa" ku mu Islamu wukuri. Ico Allah ategetse gitegerezwa guca gikorwa ubwo nyene. Ico asezeranye gitegerezwa kuba kuko kiba ari ic’ukuri. Nta muntu n’umwe ashobora guhagarika ivyo yasezeranye ngo ntibishike. Kuko kuba Islamu bamwe bamwe amasezerano 333 yo mw’Isezerano rya Kera yashikijwe mw’Isezerano Rishasha ni icemeza ubumwe bw’Ubutatu. Aya masezerano yategerezwa kuba yafashwe ku mutwe kandi akongera agasomerwa abo bene data b’aba Islamu.

6.07 -- Uko Isezerano Rishasha rishingira intahe ubumwe bw’Ubutatu Bweranda

Ubutumwa Bwiza uko ari bune, amakete uko yanditswe n’intumwa hamwe n’ivyahishuwe bigaragaza bihagije ubumwe bwa Data, Umwana na Mpwemu Yera. Hamwe twohura n’umu Islamu yiteguye gusoma Isezerano Rishasha, dutegerezwa gushimikira kubumwe bw’Ubutatu. Aba Islamu n’abayuda batahura ko Imana “ari imwe rudende”. Abakristo bamwe bamwe nabo bagaca bashimikira ku Mana zitatu. Abo bategerezwa kwihana bagasubira kwigira ku bana ba Aburahamu kugira bige uko bosigura ubumwe bw’Ubutatu Bweranda mu vyiyumviro vyabo. Twemera Imana Imwe mu Butatu si imana zitatu.

Matayo 1:23: Raba, inkumi izosama inda ivyare Umwana w’umuhungu bazomwita Immanueli Risobanugwa ngo “Imana iri kumwe natwe".

Immanueli ni rimwe mu mazina 250 ya yesu muri Bibiliya. Ni Imana y’ukuri akanaba n’umuntu icarimwe. Muri we Imana iri kumwe natwe. Iri sezerano muri Yesaya 7:14 n’uko ryashikijwe vyari kuduha kurema.

Yesu Amaze kubatizwa, aca ava ubwonyene mu mazi Maze Ijuru riruguruka abona mpwemu w’Imana amanuka asa n’inuma amugwako. Buno rero ijwi riva mw’Ijuru riti uwu niwe mwana wanje nkunda akampimbara." (Matayo 3:16-17).

Kumu Islamu inkuru y’umubatizo ya Kristo (Matayo 3:16-17; Mariko 1:9-11; Luka 3:21-22; Yoh 1:31-34; 5:37-38) harimwo ikintu kidasanzwe: Humvikana ijwi rivuye mw’Ijuru! Aba Islamu batahura ko iri ari ihishurwa ridasanzwe. Nta n’umwe ashobora kubuza Uhoraho kuvuga. Ninde yomubuza kuvuga: "Nguyu Umwana wanje, nkunda akampimbara"? Mpwemu Yera amugwako nk’igikoresho c’ibikorwa yagira atangure n’aho yari yavutse bivuye kuri Mpwemu Yera. Yesu aca abatizwa muri Yorodani naho Yohana umubatizi atavyiyumvira gutyo. Yesu nta caha yakoze nico gituma atari akeneye kubatizwa. Aca mw’ibanga ntangere atora ivyaha vyacu vyose avyishirako agitangura igikorwa ciwe co kuvuga Ubutumwa Bwiza.

● Nico gituma Yohana yasemereye: "Raba, Umwagazi w’intama w’Imana, Ukuraho ivyaha vy’abari mw’Isi!" (Yoh 1:29)
● Iki nico catumye Mpwemu Yera amumanukako nk’inuma amugumako.
● Ninaco catumye Data yemeza: "Ng’uyu Umwana wanje nkunda, akampimbara!"

Umubatizo wa Yesu Kristo ni icanditswe nyamukuru c’ishengero mu gutahura ubumwe bw’Ubutatu Bweranda. Kuva muntango y’igikorwa Yesu yagomba gukora, Data, Umwana na Mpwemu Yera barakorana kugira umwana w’umuntu akizwe.

Matayo 12:18 avuga umushumba w’Uhoraho yatoranije, ahimbara umutima Wiwe Azoshira Mpwemu kuriwe azomenyesha amahanga ubutungane Bwiwe. Ibi vyashikijwe muri Yesaya 11:1-5 herekana ko, Uhoraho, Mpwemu Wiwe, n’Umushumba Wiwe binywanira muri Yesu Kristo. Ubuzima bwiwe bwose ntibwari ubuzima bw’umwe, ariko ubumwe mu butatu bweranda.

Luka 4:18-19a: Mpwemu w’Uhoraho ari kuri Jewe, nico catumye andobanuza Amavuta, ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza, yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe n’impumyi ko zihumuka , no kurekura abahahazwa ngo bidegemvye. No kumenyesha abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho.

Muri Luka 4:18 Yesu yarivuze uwo ariwe i Nazareti mu kuvuga: "Mpwemu w’Uhoraho ari kuri Jewe!" Uku kuntu yabivuze vyerekana Ubutatu Bweranda kubera Imana, Mpwemu wayo baboneka mu bumwe budasanzwe. Kristo ariko avuga uku kuri yavyerekanye mu kuvuga: "Nico gituma yandobanuje amavuta." Ijambo Kristo risigura: Mesiya, uwasizwe amavuta.

Ni kubera iki Yesu yasizwe amavuta? "Ngo mbwire Ubutumwa Bwiza aboro ngo nduhure abarushe!" Umuntu wese yasizwe amavuta yo mw’Isezerano Rishasha (2 Korinto 1:21; 1 Yoh 2:20,27) yoshobora gushingintahe nk’iyi ya Yesu, kuko umukristo aba umukristo igihe honyene Mpwemu w’Imana ari muri we aho niho ashobora gushitsa ivy’umuhamagaro wiwe. (Yesaya 61:1-2; Rom 8:10-16).

Jewe nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi. Nuko nimugende mu mahanga yose muhindure abantu abigishwa banje, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera, mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve ndi kumwe namwe kugeza kumuhero w’Isi (Matayo 28:18-20).

Mu gikorwa nyamukuru dusoma ko umuntu wese afashe ingingo yo gukurikira Kristo ategerezwa kubatizwa mw’izina rya Data, n’iry’Umwana ni irya Mpwemu Yera kuki iri tegeko ritavuga ngo “mu mazina"? Ni kubera ayo mazina atatu ari ay’umwe! Izina ry’Imana yacu ni “Data, Mwana na Mpwemu Yera."

Yoh 10:30: Mu Butumwa Bwiza uko bwanditswe na Yohana dusoma intahe y’umwungere mwiza: Jewe na data turi "Babiri"?! Oya, ariko "umwe"! None wokwigisha gute ngo babiri, mugihe Yesu yavuze ngo ni umwe? Uku kwirengagiza kuzana ubutamenya kwategerezwa kwihanwa kubavugabutumwa bose bakorera muba Islamu no mu bayuda. Data n’Umwana n’Umwe si babiri? Twategerezwa guhindura ivyiyumviro vyacu ntitwiyumvire uko abisi biyumvira ariko twiyumvire muburyo bw’Impwemu ngo tube abizera nyabo.

Muntahe Yesu yishingiye (Yoh 14:9-11) dusoma: "Uwumbonye aba abonye Data!" Muri uku kwatura Yesu yerekanye ubumwe afitaniye na Se uko ameze n’uko aboneka, ashitsa ivyavuzwe mw’ Itanguriro 1:27. Ivyo bisigura ko amajambo Yesu yavuga atari ay’iwe, ariko akaba aya Data, yaba muriwe, nti kwari ukuvugira muriwe gusa ariko nogukorera muri we ivyo avuze. Yesu yagumye muri Se, na Se aguma muri We. Ibi vyerekana ubumwe muri kamere no mu Mpwemu.

Muri Yoh 14:23 Yesu yavuze: "Nihagira uwunkunda, akitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda maze tuzoza kuri we tubane nawe."

Yesu yerekanye uko Mpwemu w’Imana azoba kubamukurikiye. Muri iki gisomwa Mpwemu Yera ntaboneka gusa nk’uwunze ubumwe na Data canke n’Umwana gusa ariko yaserukira Mpwemu Wabo.

Mu masezerano uko ari atatu avuga kubijanye n’Umwitsa azoza (Yoh 14:26; 15:26; 16:13-15) dusoma ibiranga ubwo bumwe no gukorera hamwe kwa Data, Umwana na Mpwemu Yera. Mpwemu ntiyihimbaza ubwiwe nta nukwerekana icari nk’umuhinga ariko aha icubahiro Yesu. Na Yesu ubwiwe ntiyishize hejuru ariko nawe aha icubahiro Se. Imana Yacu yicishije Bugufi (Matayo 11:28-30)! Nta ngorane z’ukugumuka mu Butatu Bweranda. Nta numwe yishira hejuru ariko umwe ashira hejuru uwundi! Ninaco catumye Imana iha ububasha bwose Umwana mw’ijuru no mw’isi, muri ubwo buryo nyene Yesu aca aha Mpwemu ngo Yubake ishengero ryiwe. Ugucabugufi bw’urukundo rw’ubumana ni kimwe mw’ibanga ry’ubumwe bw’Ubutatu Bweranda. Tuzotahura Imana yacu nitwayemerera honyene igahindura ingeso zacu ikaducisha bugufi, nk’uko Iri. Ibi bihushanye n’ubwibone bwa Allah hamwe n’abamukurikira (Sura al-Hashr 59:23).

Yoh 17:21-23: Mw’ishengesho ryiwe ridasanzwe ry’ubuherezi Yesu yasengeye abamukurikira: "Babe Umwe nk’uko turi umwe: Jewe muri bo nawe Muri Jewe. Ngo bahingurwe babe umwe..."

Muri iki kiyago kubijanye n’Ubutatu Bweranda Yesu yatanze incamake y’ibanga ryiwe: Turi Umwe! Uku kuri kwo muri Mpwemu nikwo gutandukanya twebwe bo n’abayuda n’aba Islamu. Ubumwe bw’impwemu bwa Data na Mwana muri Mpwemu Yera niwo mushinge w’ukwizera kwacu. Ariko ubu bumwe sibwo bwonyene buboneka buhagaze imbere yacu, ariko ni ikintu kinini tugerageza gusiguza ubwenge bwacu buto. Urukundo rw’Imana nigwo nguvu zidukwega.

Yesu yasavye Se ngo atugire umwe, nkuko We na Se bari umwe, We Muri twebwe na Data muri We. Ubutatu Bweranda si ikintu kidatahuritse ahubwo ni ukuri mu buryo bw’impwemu bizotwinjiza mu kuba mu Mana ku buntu. Twitwa “umubiri wa Kristo" (Abarom 12:4-5; 1 Korinto 12:27; Efeso 4:4,25) be "n’ urusengero" rwa Mpwemu w” Imana (1 Korinto 3:16) akanagirigwa Ubuntu wo kwinjira no kuguma muri Butatu Bweranda, muri Kristo (2 Korinto 5:17; Yohn 15:4) no mu Mana ubwayo (1 Yoh 4:16).

Isezerano Rishasha ryuzuyemwo ibimenyetso vy’ibanga ry’Ubutatu Bweranda. Kubafise ishaka ryo gushakashaka, gusoma no kwiyumvira boca biyumvira kumirongo ikurikira: Yohana 17:1-3;20,21-23; Ivyak. 1:4-5; 2:32-36; 1 Ab’I Kor 2:10; 2 Ab’I Kor 5:19; Ab’I Gal 4:4-6; Ab’I Kol 2:9-10; Heburayo 9:14; Ivyah 7:10; 21:22-23; 22:3-4 n’ibindi vyinshi. Twategerezwa gusoma iyi mirongo ngo idufashe gutahura ubumwe bwa Data, n’Umwana na Mpwemu Yera atari ukubitahura gusa ariko kandi no mugusenga, dushima kandi tuninahaza. Mpwemu Yera Wenyene niwe yodutahuza neza iryo banga ry’Ubutatu Bweranda. Aho ntituzobiraba nk’ibitugora kwumva ariko tuvyatura ko ari ukuri kugaragara twiboneye.

6.08 -- Inyandiko z’abisi ziranga ubumwe mu Butatu

Kwiyumvira Ubutatu Bweranda birengeye ugutahura kw’umwana w’umuntu. Iri banga ry’Imana rishobora gutahurika neza muburyo bw’Impwemu. Naho biri uko aba Islamu benshi ntibashobora kwiyumvira muburyo bw’Impwemu kuko muri Islamu nta Mpwemu Yera abaho. Yesu yavugira mumigani kubantu banse kwumva ubutumwa bwiza. Kubera ivyo umuntu wese agomba gusigurira Ubumwe bw’Ubutatu bweranda ku mu Islamu atemera Bibiliya, aca akoresha ibimenyetso bitandukanye, hamwe n’uburorero buboneka bwo mubuzima bwa misi yose. Abanyeshure bo mumashure yisumbuye na kaminuza barumviriza izo nkuru kenshi.

Izuba ni umubumbe ungana na kilometero miliyoni 1.5. Imishwarara yaryo niyo ishikira isi kubirometero bingana miliyoni ijana na mirongo itanu 150 bigatanga Umuco akazuba mbere n’ubuzima. Ivyo bitatu vyose Izuba, Imishwarara, n’umuco ntibishobora gutandukanwa.

Umuyagankuba uba ufise aho uvuye (generator) ivyo bigatanga umuyagankuba utanga umuco, ubushuhe mbere bikananyiganza ikintu. Ivyo bitatu Imoteri, umuco n’ivyo ukora vyose ni kimwe bavyita umuyagankuba!

Amazi ashobora gutemba, akaguma, canke akaba umwuka. Uko woyaraba kwose, aguma ari yayandi.

Icumba gifise uburebure, ubwaguke hamwe n’ubuduga. Hamwe kimwe muri ivyo bintu bitatu kibuze, ico ntikiba kiciswe icumba ariko kiba ciswe imbuga.

Umuntu agizwe n’umubiri, impwemu n’ubugingo. Iyo kimwe muri ivyo kigwaye n’ibindi vyose bica bigwara. Iyo kimwe kibuze ikindi ntigisubira kubaho uko categerezwa. Abuze umubiri aba ari igisigo canke umuzimu, abuze impwemu aba ari umuvyimba, abuze ubugingo aba ari ikintu.

Umuryango Mubimenyerewe ugizwe n’umugabo, umugore hamwe n’abana. Ivyo vyose biba ari ubumwe. Habuzemwo kimwe izina rica rihinduka kandi birababaza cane.

Amaso agizwe n’ibice vyinshi: igice cera, icirabura, imbone vyose bigize ijisho rimwe. Kimwe kibuze uba ubaye impumyi.

Irigi ni igitangaza ingene risa, uko ryera n’imbere. Si uko rituma amagara yawe amererwa neza- vyose hamwe bavyita irigi!

Inyabutatu ifise imfuruka zitatu hamwe n’impande zitatu, ariko yama ari ikintu kimwe.

Ibiharuro navyo bishigikira ubumwe bw’Ubutatu. Bigaca bifata mumugongo ubumwe bw’ubutatu. Teranya kimwe guteranya kimwe guteranya kimwe bingana bitatu ariko ugwijije kimwe kugwiza kimwe kugwiza kimwe biguma ari kimwe. Kubijanye na Data, Umwana na Mpwemu Yera ntibaguma ari ibintu bitandukanye, ariko biriho nk’ibiri mubumwe budasanzwe, aho umwe aguma muwundi. Muri uku kuri biboneka nk’ibintu udashobora gutandukana.

Igikandu igihe tugomba gucumba umukate bishobora gusigura iri banga ridasanzwe. Ifu, Amazi hamwe n’umunyu ufashe kimwe kimwe ukwaco ntushobora gucumba umukate. Ariko ibi bintu uko ari bitatu iyo ubicanze hamwe, ugakandura, ukotsa uca uronka umukate. Mubutatu ntan’umwe yibana ukwiwe canke ngo akore yigenga umwe aba muwundi kandi bose bari hamwe baba umwe.

Umusi umwe umuntu yagendeye ishengero iyo riri mugahinga hari ishamba rinini cane. Umugore yari acaniriye imfungurwa munkono. Wa muvugabutumwa aca amusaba ko yakuramwo ishiga rimwe. “Oya” arasemerera, ninakuramwo ishiga rimwe inkono ica igwa muziko imeneke imfungurwa zisanzare. Wa muvugabutumwa aramubwira ati "Raba,” “Ntushobora guteka atabutatu! Iyo ukuyemwo umwe muribo, ubuzima bwawe buzomeneka uce ugwa mumuriro!" Aca asigurira uwo mukenyezi ico ubumwe bw’Ubutatu busigura akurikije ivyo bariko barakora n’ubuzima bari basanzwe barimwo.

Ibi vyose tuvuze sivyo bigize ubumwe bw’Utatu! Ukwizera ntikwerekanwa. Asangwa wosigura ukwizera kuzoba atarikwo. Ubu ni uburorero bwo gufasha gusa kugira vyugururire abagomba gutahura ukuri kw’ivya Mpwemu. Ivyo bigaca bibayobora mugutahura ibanga ryo muburyo bw’Impwemu.

Ubu burorero buvugwa hejuru bwerekana ibintu bitatu bitandukanye bihuriye ku kintu kimwe gikuru. Indimi canke imigenzo zitagira amajambo menshi biragora ko biyumvira muri ugwo rurimi. Ariko Mpwemu Yera atwigisha ugutahura gushasha kwari ukugoye kwumva ku muntu asanzwe. Turizeye ko Yesu yicaranye na Se kuntebe y’Ubwami kandi tukanemera ko ari mumitima yacu. Kuba Islamu benshi ibi ntibishoboka: Nabe mumitima yacu canke abe mw’ijuru ariko atari hose icarimwe!

Twatura ko twahariwe ivyaha vyacu kubw’ubuntu. Umu Islamu aca akwishura: Uri umunyavyaha canke uwatsindanishirijwe ariko ntushobora kuba umunyavyaha atsindanishirijwe.

Mpwemu Yera yigisha abakurikiye Yesu ugutahura kwo muburyo bw’Impwemu ivyo aba Islamu badashobora gutahura. Ivyiyumviro vy’iyi si bitandukanye n’ivyiyumviro vyo muburyo bw’Impwemu. Kubw’ivyo twategerezwa kwihangana igihe turiko tuganira nabo. Ikindi ukuri kwo muburyo bw’Impwemu ubona kutumvikana kandi kutanashoboka mbere no kuri twebwe igihe kirekire. Amasengesho y’ukwinginga kugira batahure no guhishurirwa aguma akenewe kandi ari ngirakamaro cokimwe no kuvuga ubutumwa.

Hari ikindi tudakwiye kwibagira igihe turiko turaganira n’aba Islamu ko Ijambo “Ubutatu” atahantu na hamwe riri muri Bibiliya! Nico gituma tudakwiye kugwanira Ubutatu ariko Ubumwe bw’Imana! Ukuri kw’Imana Data, Umwana, na Mpwemu Yera buboneka mubitabu vyose uko bihurikiye muri Bibirirya, kubera ko Yesu yerekanye ubumwe b’ibihe bitazoshira na Se muri Mpwemu Yera.

Iri jambo Ubutatu ni ingorane z’ururimi haba mucarabu canke mukirundi. Nta jambo rimeze uko riri muri Bibiliya! Kristo n’abigishwa biwe bahishuye Imana imwe mubutatu, ntibigeze bavuga na rimwe ivy’Imana zitatu. Twategerezwa kwiyumvira k’ukwizera kwacu tugasubira ku kuri kwa Bibiliya.

6.09 -- Ibimenyetso vy’ubumwe bw’Ubutatu muri Korowani

Aba Islamu benshi ntibaba biteguye ku kwumviriza kuco ijambo ry’Imana rivuga muri Bibiliya kuko bavugako yoba yarahinduwe. Inyishu zo muvyiyumviro bisanzwe no mubushakashatsi birafasha kubanyeshure baba abo mumashure yisumbuye canke bo muma kaminuza. Igitigiri c’aba Islamu benshi bemera inyishu zivuye muri Korowani gusa be no muri Hadith canke imigenzo ya Islamu. Dutegerezwa kurondera amungane avuga ivy’Ubutatu Bweranda aho yinyegeje hose kugira dufashe izo ntagondwa z’aba Islamu.

Ushobora gutanguza umurongo wo muri Korowani igihe mugomba gutangura kuyaga kuko hafi mirongo itandatu kw’ijana y’ibivugwa muri Korowani ni ivyiyumviro vyo mw’ Isezerano rya Kera, ivyo Muhamedi yumvise kumunwa gusa mumvugo ya Mishnah na Talmud. Ibingana mirongo umunani kw’ijana vyo muri korowani vyavuye kunkuru bumva kumunwa zo mu Butumwa Bwiza canke imvugo z’utudumbidumbi tw’abakristo twariho muri ico gihe. Nico gituma dufise uburenganzira bwo kwemera no kurondera ibishingantahe vy’abayuda n’abakristo vyashizwe mumirongo y’icarabu ca Korowani, kanatsinda vyavuye muri Bibiliya. Uca wumva bitagarezwa gusubizwa akanovera kimpwemu vyahozemwo. Si ico gusa ariko imvugo nyinshi zo mururimi rw’icarabu zifise insiguro zitandukanye bigaca bituma babisigura ugutandukanye. Uca wumva ko birekuwe gufata insiguro kama ariyo Bibiliya ku bice bimwe bimwe.

Kubijanye na Ubutatu Bweranda, hari imigwi itanu y’imirongo yo muri Korowani isigura ukuri kw’Imana imwe mu Butatu:

Ukuvuka kwa Kristo muri Mariya
Sura al-Anbiya' 21:91 na al-Tahrim 66:12 kuduha ihishurwa rya Allah:
"Twahumekeye Muriwe Impwemu Yacu!"

Uravye ivyo, Yesu yari kuba yaremewe muri Mariya. Allah avuga mubwinshi bishobora gufatwa nk’ikimenyetso c’ubwinshi bwiwe. Aravuga: "Twahemeye (bivuye muri twebwe) mpwemu wacu muri we!" Allah ntiyagururiye Gaburiyeri muri Mariya, canke ngo Gaburiyeri ahumekere impwemu yiwe muri Mariya, ariko havuga ko Allah ariwe yahumetse impwemu yiwe muri Mariya. Umwe muri iyi mirongo uko ari ibiri uvugako Allah yahemeye muri Mariya muri rusangi; iyindi ikavuga ko yoba yahuhiye impwemu yiwe mubihimba bihishijwe.

Iyi ntahe muri Korowani irakura iciyumviro ko habayeho uguhuza ibitsina na Allah. Iyi mirongo yerekana ko Yesu yavutse kubw’Impwemu ya Allah. Aba batatu muri Korowani Allah, Impwemu yiwe, na Kristo ni ibintu bidashobora gutandukanywa.

Abahinga ba Korowani barabonye iyi mirongo ibatera ingorane cane baca bagerageza kurondera insiguro bavuga ngo: "Isa niwe wenyene yaremewe muri Mariya biciye muri Mpwemu w’Imana kubw’Ijambo ryiwe." Ariko ibi sivyo iyi mirongo iriko iravuga. Bagerageje kuraba uko borandurana n’imizi ubumana bwa Kristo.

Allah yashigikije Kristo Mpwemu wiwe
Muri korowani ushobora kuronka imirongo itatu ivuga ko Allah yashikije Kristo Mpwemu wiwe mweranda, Kugira ashobore gukora ibitangaza vyiwe vyo guhemera ku bintu. Usomye muri iyi mirongo Yesu yahumuye impumyi, akiza abagwaye imibembe akoresheje ijambo, anazura n’abapfuye bava mumva. (Sura al-Ma'ida 5:110). Korowani ivuga ibitangaza cumi muri ivyo, ivyo rero kubwa Islamu ntiyashobora kubikora wenyene ariko yabikoreshwa n’Impwemu Allah yari yamurungitsemwo. Ibi bisigura ko Allah, Mpwemu wiwe na Kristo bakorera mubumwe!

Abanyabwenge b’aba Islamu bobo bashimikira: Kristo atagitangaza na kimwe yari gushobora gukora wenyene, kubera ivyo Allah yatumye Gaburiyeri ngo amushigikire mugukora ivyo bitangaza. Ntibashobora gutahura uguca bugufi kwa Yesu mukuvuga ngo “Umwana ntaco akora kubwiwe. Ivyo yabonye se akora nivyo akora." (Yoh 5:19-23). Ariko uwo wese abaza umu Islamu: "Ninde ashoboye kuzura abapfuye?" azokwishugwa ngo: "Allah wenyene!" ariko ubajije kandi uti: "Uremera ko Kristo ari Allah?" azobirahira. Ukuri ni uko Allah, Mpwemu wiwe na Kristo nibo bagira ubumwe nyabwo muvyo bakora, haba no muri Korowani.

Kristo- Ayatollah w’ukuri
Ugutangaza kw’ivuka rya kristo muri Korowani bwabaye ubutumwa budasanzwe buvuye kuri Allah, kuko ari nawe yatangaje Kristo:
Tuzomugira ikimenyetso kubaremwe bose n’ikigongwe kivuye kuri “twebwe”. (Sura Maryam 19:21).

Ikimeneyetso mucarabu ni ayatun, gusoma hamwe na Allah bica biba "Ayatollah", bica bisigura ngo ikimeneyetso rudende ca Allah". Kristo niwe wenyene Ayatollah uwo Allah ubwiwe yabahaye nk’ikimenyetso kubantu biwe. Bica bihura n’umurongo wo mw’ Itanguriro 1:27 na Yoh 14:9 vyashitse.

Allah abandanya avuga ko Kristo ari we mpuhwe (mercy) yavuye kuri twebwe "twebwe", yivuga mubwinshi. Iyi mvugo yatumye abigisha ba Korowani aha muri Afrika barimbura cane. Baca basanga igice cose co muri Korowani havuyemwo kimwe gusa bitangurwa n’iri rivuga: “Mw’izina rya Allah, nyen’impuhwe, nyen’imbabazi!" Aba ba Islamu barondera ukuri baca bashika kungingo ivuga ngo: (al-Rahman) ni Imana Data, nyen’impuhwe (al-Rahim) ni Mpwemu Yera (al-Rahmat) nyene imbabazi ubwiwe ni 'Isa, Umwana wa Mariya. Vyose uko ari bitatu bisangiye kamere.

Muhamedi aca avuga insiguro mukuvuga ko Allah yamwihishuriye: "Nta yindi mpamvu tukwohereza ku bantu, uretseko twashaka ga (kukugira ikimenyetso) c’impuhwe ku b’isi bose. (Sura al-Anbiya' 21:107).

Mbega imbabazi za Allah mu buzima bwa Muhamedi zabaye izihe? Yazanye amategeko mashasha, Sharia, nk’ishimikiro rya reta yiwe y’idini. Aya mategeko ya Allah ntamu Islamu n’umwe akiza, ariko acira urubanza umuntu wese agomba kurondera ubweranda bivuye kubikorwa vyiwe vyiza. Ariko Yesu yerekanye impuhwe za Allah mugukora ibitangaza: Yakijije ingwara uwo wese yaje kuriwe, yazuye abatari bake mubapfuye aca atanguza Impwemu y’amahoro mw’isi. Aha duca turaba ninde yavugwa ko azanye impuhwe n’imbabazi mw’isi!

Kristo jambo wa Allah na Mpwemu wiwe
Ibihe bitari bike Muhamedi yagumye akoresha imvugo ya Yohana Umuvugabutumwa, ko Yesu yari jambo w’Imana yigize umuntu (Sura Al 'Imran 3:39, 45, 64; al-Nisa' 4:171; Maryam 19:34). Amuhaye iri zina rihambaye yemeje ko Kristo ariwe bushobozi yahawe ububasha bwose kw’Ijambo ry’Imana. Kubwa Korowani, muri Kristo umuremyi, uwukiza indwara, uwuharira ivyaha, uwuhumuriza n’uwutanga ubushobozi bw’ijambo rya Allah ari ngaha kandi ariko arakora. Kristo ntiyavuze gusa ijambo rya Allah ariko niwe yagaragara. Kubwa Korowani, Kristo yagumye ata caha afise, kuko nta tandukaniro ryariho hagati y’ivyo yakora n’ijambo ryiwe. Muriwe niho ukugomba kwa Allah kwabonekera, nk’uko uguhishurwa kwa Allah bwari ubumana, Kristo jambo wa Allah yari Imana ubwiwe.

Korowani ibivuga kenshi cane ko Yesu atavyawe n’ukwipfuza kw’umugabo ariko yari impwemu ya Allah yaje yambaye umubiri. Aba Islamu baremeza ko Isa mwene Mariya yari impwemu igendagenda kw’isi, yaboneka nk’umuntu uwo amaze gupfa, yasubiye aho yari yaravuye ubwambere, kwa Allah (Sura Al 'Imran 3:49, 55; al-Nisa' 4: 158,171; al-Anbiya' 21:91; al-Tahrim 66:12). Muri uku gutahura aba Islamu baba begereje ibanga ry’ubumwe bw’Ubutatu bweranda. Abasiguzi, baca abashaka kunyegeza ukuri bakavuga ko Jambo “yaremwe" kandi Impwemu yaremwe na Allah. Ariko ibi si ibiri muri Korowani, bagerageza kubishiramwo kunguvu.

Ibiganiro vy’Ubutatu bwa Korowani
Mugitabu c’aba Islamu uravye usanga ibintu vyerekana ko Kristo afise ibintu yisangije. Kubona Allah yaramuduganye iwe amaze gupfa mucubahiro ciwe (Sura Al 'Imran 3:55 na al-Nisa' 4:158). Kubwa Islamu Kristo ari kumwe na Allah uyumusi.

Mu biganiro (Sura al-Ma'ida 5:116-117) Allah yabajije Kristo, ko yoba yarigishije abantu ko we na nyina wiwe bofatwa nk’izindi mana hambavu ya Allah. Muri Korowani inyishu ya Kristo kuri iki kibazo kidasanzwe yari oya! Akadumbidumbi k’aba kristo kari mukigobe c’abarabu kigisha ubu butatu butumvikana, ubwo natwe duhakana. Birashoboka ko Muhamedi yari yarumvise izi nyigisho zitumvikana kubijanye n’Ubutatu. Kuva ico gihe aba Islamu biyumvira ko Allah yaryamanye na Mariya aca amuvyarako umwana. Kwiyamiriza ukwo kurogota vyari bikwiye! Natwe twemeranya na Muhamedi mukwiyamiriza iki ciyumviro! Ubwo Butatu ntibubaho! Kuri uyu mwumvikano uruhagarara n’aba Islamu mukwiyamiriza ubukristo ruca rugabanuka! Twobasigurira ko twizera Ubutatu bwo muburyo bw’impwemu mu bumwe atari muvyo kuryamana no kuronka abana, Ubutatu mu bumwe nabwo ni Imana, Mpwemu Wayo n’Ijambo ryaYo (Yoh 1:1-14).

Muri iki kiganiro ca korowani hagati ya Allah na Kristo bica bigaragara – hambavu y’inyigisho za antikristo zitandukanye. – Amajambo adasanzwe, ko inyuma yo kuduzwa kwa Kristo, Allah yategerezwa gushingira intahe kandi akanakurikirana abigishwa bari batawe nk’impfuvyi nk’uko Kristo yashingira intahe n’umwungere w’abigishwa biwe. Aha Allah na Kristo bari bafise izina ry’ubudahangarwa rimwe bica bigaragaza ubumana bwa Kristo muri Korowani!

Ntitukiyumvire kuvuga ubutumwa dukoresheje Korowani. Mu gitabu ca Islamu ntagakiza kariyo! Ntidushobora kwizera uguhumekwa kuvuye ku Mana muri Korowani. Ariko hariyo uduce dutoduto tw’ibishingantahe mugitabu c’aba Islamu. Bikuremwo, bihumanure kandi nkay’amabuye yo kuri Mose uce uyashira mukibanza kibereye co mubutumwa bwiza. Aba Islamu b’intagondwa nta kindi kintu na kimwe bumviriza kiretse ibintu biri muri korowani gusa. Aha rero duca tubazanira ubutumwa bwabo muburyo bikwiranye. Ntukigere uvuga amajambo muri korowani utazi neza uko avuga.

6.10 -- Intahe z’abakristo ku bumwe bw’Ubutatu

Abigishwa ba Yesu barashingiye intahe ko Ubutatu Bweranda bubaho.

Petero aravuga: Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ariyo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubwa kabiri nk’uko imbabazi zayo ziri, kugirango tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo… (1 Petero 1:3-10; 5:10)

Yohana yanditse: Iki nico kitumenyesha yuko tuguma muriyo, nayo ikaguma muri twebwe, n’uko yaduhaye kuri Mpwemu wayo. Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba umukiza w’isi yose. Uwatura yuko Yesu ari Umwana w’Imana, Imana iguma muri we nawe akaguma mu Mana. (1 Yoh 4:13-16; 5:12,20)

Paulo yanditse: Igomba ko abantu bose bakizwa bakamenya ivy’ukuri. Kuko hari Imana Imwe, kandi hari umuhuza umwe w’Imana n’abantu ni Yesu Kristo yitanze kw’incungu y’abantu bose. (1 Tim 2:4-6; 1 Korint 3:17-18)

Intahe y’intumwa ituma twiruhutsa. Bashingiye intahe ukuri kw’ivy’impwemu y’ubumwe bw’ubutatu bweranda mubuzima bwacu.

Umutama w’ishengero muri Lebanoni yagendeye umuhungu wiwe, w’umuhinga, I Quatar, mu kigobe c’Abaperesi. Ahejeje gusengera imfungurwa bose babona, Umu Islamu w’umushitsi aramwegera barangije aramubwira, ko abona ko ari umuntu yejejwe w’Imana ; kandi ko abona ko yoba umu Islamu ngo yakire imbabazi za Allah zikwiye.

Wa mutama aramwishura murupfasoni: “Nzokwiyumvira kuvyo unsavye. Hamwe woshobora kundonsa ibirenga ivyo nahawe, noca nezereregwa iyo ngabire!"
Atangaye, wa mu Islamu aramubaza: " Ivyo ufise tudafise ni ibiki?"
Wa mutama aramwishura: "Allah ni Data, aranzi, aranyitayeho kandi arankunda. Kristo ni Umwagazi w’intama w’Imana, yankuyeko ivyaha vyanje vyose aca ampuza n’Imana. Ntarubanza nzocirigwa mbere ntan’umuriro nzojamwo kuko yangize umweranda imbere y’Imana. Mpwemu w’Imana ari muri jewe kuko Yesu yogeje umutima wanje w’ivyaha. Nshobora kuganira na Data wanje wo mw’ijuru mw’isengesho ryanje nkamushimira k’ubugingo budashira yampaye. Singipfuye, ariko nzobaho ibihe bidashira nzutse mubapfuye nk’uko Umwami wanje yazutse mubapfuye (Yoh 11:25-26).
Aca agenda yiyumvira cane kuko uwo mutama yamusiguriye Ubumwe bw’ Ubutatu Bweranda mumajambo yiyoroheje nuko biba mubuzima bwiwe.

Ni muri ubu buryo turamutsa abo bose bahamagawe mugikorwa c’Umwami wacu Yesu muri bene wacu b’aba Islamu no kubasengera kugira Umwami abarongorere kukuganira muburyo bw’ Impwemu n’abakurikiye Muhamedi mukibano cacu.

Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo,
n’urukundo rw’Imana,
n’ugusangira Mpwemu wayo Yera bibane namwe mwese
ubu n’ibihe bitazoshira.
(2 Korinto 13:13)

6.11 -- UTUBAZO

Mwenenedata Musomyi!

Nimba wize neza aka gatabu, urashobora kwishura ibibazo vyoroshe ibibazo bikurikira. Umuntu wese yishura neza 90 kw’ijana y’ibibazo vyose muri ubu butabo umunani vyo muri uru rukurikirane, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo rw’ikigo cacu.

Inyigisho Zisumbuye
Munzira zifasha mukugiranira ibiyago n’aba Islamu Kuvyerekeye Yesu Kristo

nk’ibigutera intege mubikorwa vya kazoza kuri kristo.

  1. Mbega igice ca mbere ca ndemeye y’aba Islamu gisigura iki?
  2. Ni mu buryo ubuhe Muhamedi yahakanye Ubutatu?
  3. Dusoma incuro zingahe muri Korowani ko Allah ata mwana agira? Uku guhakana gusigura iki ugereranije na 1 Yoh 2:18-25?
  4. Kubera iki “Isa umuhungu wa Mariya muri Islamu atari Umwana w’Imana?
  5. Korowani yerekana gute ko Kristo ari umuja wa Allah nk’igikoresho ciwe?
  6. Kubera iki ata Mpwemu Yera yoba muri Islamu? Ibi bisigura iki kubuzima bw’impwemu bw’umu Islamu?
  7. Kuki Allah atazokwigera yumvikana nka Data muri Korowani?
  8. Habura iki kukuntu Islamu itahura Imana?
  9. Imirongo itatu yambere yo muri Bibiliya ihishura iki ku bumwe bw’Ubutatu Bweranda? Iyi mirongo isigura iki mugikorwa muri bene wacu b’aba Islamu?
  10. Kuki Imana mw’Isezerano rya Kera rimwe rimwe Yivuga ngo “Twe” (i.e. mu bwinshi)? Mbega ijambo ry’igiheburayo “Elohim” risigura iki?
  11. Woshobora gute gusigura umuhezagiro wa Aroni (Guharura 6:24-27) n’uguhimbaza Imana kw’Abaserafi muri Yesaya 6:3 nk’ukwatura Imana imwe mubutatu?
  12. Zaburi 2:1-7 itwigisha iki kubijanye n’Ubutatu?
  13. Kuki Yesaya 9:6 ari ntabanduka kubumwe bw’Ubutatu?
  14. Umwanditsi w’igitabu c’Abaheburayo (1:9) yasiguye Zaburi 45:6-7? Ibi vyotubwira iki iyo tuganira n’aba Islamu?
  15. Kuki Zaburi 110:1 iguma ari ikibazo kuri buri muyuda n’umu Islamu?
  16. Ivyasezeranwe vyo mw’Isezerano rya Kera bisigura iki kumu Islamu n’umuyuda?
  17. Ijambo "Immanuel" risigura iki nk’izina rya Yesu? Iri sezerano riri hehe mubavugishwa n’Imana?
  18. Kuki uguhishurwa kw’Ubutatu Bweranda bwakurikiye umubatizo wa Yesu mu ruzi yorodani? Ijwi ryavuze ry’Imana inyuma y’umubatizo wa Yesu risigura iki kumu Islamu? Ninde yobuza Uhoraho Imana igihe yogomba kugira Umwana?
  19. Yesu yasiguye izina ryiwe rihambaye “Kristo” gute mw’isinagogi i Nazareti? Iri hishurwa rihishura iki kubumwe bw’Ubutatu Bweranda?
  20. Mbega gikorwa nyamukuru ca Kristo ni hehe usanga ibivuga ku Butatu Bweranda?
  21. Kuki Yesu atavuze: "Jewe na Data turi Babiri"? Kuki tuvuga Imana zibiri zitandukanye iyo tuvugana n’aba Islamu?
  22. Twokwemera iki duhereye muri Yoh 14:9-11 kubijanye n’ibanga rihishije ry’ubumwe bw’Ubutatu Bweranda?
  23. Kuki Mpwemu Yera ahimbaza Umana nk’uko Umwana ahimbaza Se?
  24. Mbega Yesu yasezeranye iki muri Yoh 14:23 kubijanye n’ubumwe bw’Ubutatu?
  25. Ni ikihe kintu nyamukuru Yesu yahishuye muri Yohana 17:21-23 kubijanye n’Imana imwe mu Butatu?
  26. Kuki iri jambo “Ubutatu” ritumvikana mundimi haba mucarabu canke mukirundi iyo turiko tugereranya n’Imana yo muri Bibiliya? Kuki iri jambo ngo “Imana imwe mu Butatu” rikwiranye no gusigura ukuri kwa Data, Mwana na Mpwemu Yera? Twoshimikira kuki mubiganiro n’aba Islamu n’abayuda kuri iki cigwa?
  27. Kuki izuba, imishwarara n’ukwaka vyerekana Imana imwe mu Butatu?
  28. Imoteri, umuyagankuba, n’ivyo ukora vyerekana ubumwe bw’Ubutatu Bweranda?
  29. Twokwigira iki kumazi, icumba, k’umuntu nk’ubumwe budasanzwe?
  30. Ijisho, irigi, inyabutatu bishobora gute kwerekana ubumwe bw’Ubutatu?
  31. Mbega itandukaniro ribonekera hehe hagati ya 1+1+1 na 1x1x1? Mbega igikandu kivuye mumazi ifu n’umwabiro bitanga umukate?
  32. Kubera iki ibi biba mubuzima bwa misi yose bidahagije kugusigura Ubutatu? Ni ibiki umukristo ashobora kwiyumvira mururimi rwiwe kavukire, kandi umu Islamu akeneye iki ngo atahure ibinyuranye n’ukuri kw’ivy’impwemu?
  33. Muhamedi yibajije ko Yesu yashitse muri Mariya gute? Mbega ibi yibajije bishobora kudufasha gute mukuganira n’aba Islamu?
  34. Kubera iki gukomezwa kwa Yesu na Mpwemu Yera vyerekana ubumwe bwa Allah, mpwemu wiwe na Kristo mu bikorwa?
  35. Korowani isigura gute ko Kristo ariwe wenyene Ayatollah yarungitswe na Allah? Uyu murongo wafashije gute abigisha b’abanyafrika kwegereza ukuri kw’Ubutatu Bweranda?
  36. Korowani yerekana gute ko Kristo ari “jambo yavuye kwa Allah” canke ijambo “ryiwe” ryigiz’umuntu bidufasha kuganira n’aba Islamu?
  37. Kuki insiguro ya Korowani kuvya Kristo “mpwemu wa Allah” idufasha gusigurira aba Islamu uguhoraho n’ubumana bw’Umwana wa Mariya?
  38. Mbega ibiganiro vyo muri korowani kuvya Kristo na Allah amaze kuduzwa mw’ijuru bisigura iki? Kuki twemeranya n’aba Islamu ko Ubutatu Korowani ivuga, ubwo Muhamedi yihakanye, natwe tutabwemera? Uyu mwumvikano ushobora kuzana icuka ciza gute mukwereka aba Islamu Ubutatu bw’Impwemu?
  39. Ni ibihe bintu bikenewe mu gusigurira umu Islamu muburyo bw’impwemu ivy’Ubutatu Bweranda?
  40. Ni izihe ntahe z’intumwa za Yesu utahura ko zihishura ubumwe bw’Ubutatu Bweranda mu buryo bwiza?
  41. Woshobora kuturangira aho Ijambo Ubutatu ryanditse muri Bibiliya?

Umuntu wese yishuye ibi bibazo ararekuriwe gukoresha ikindi gitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu munyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagutuma, akagukomeza, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwawe kwose!

Abo musangiye umurimo,

Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:

info@grace-and-truth.net

Yesu yavuze ati:
Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe,
nico catumye andobanuza amavuta ngo mbwire aboro ubutumwa Bwiza.
Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe,
n’impumyi ko zihumuka no kurekura abahahazwa ngo bidegemvye,
no kumeneyesha abantu umwaka wo kwemeregwamwo n’Uhoraho.
(Luka 4:18-19a)

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 14, 2022, at 02:06 PM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)