Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":

Home -- Kirundi -- 02. Roots -- 6 Contracts with Muslims

This page in: -- Arabic? -- Chinese -- English -- French -- German? -- Indonesia? -- KIRUNDI -- Ukrainian

Previous booklet -- Next booklet

02. Imizi ya Shari’a muri Korowani

6 - IVYO UMUKORESHA AKWIYE KUMENYA IMBERE YO KUGIRIRANIRA AMASEZERANO Y’URUDANDAZA N’UMU ISLAMU?

Igice kinini ca Korowani gifise imirongo myinshi igize amategeko umu Islamu agenderako mu rudandaza. Ni gute aba Islamu babona itandukaniro ry’ayo masezerano hagati yabo n’abandi bantu atari aba Islamu? Kuki izo ndahiro ari ngirakamaro mu gukora urudandaza kandi kubwa Korowani bigenda gute iyo habayeho kurenga izo ndahiro? Mbega aba Islamu boba barekuriwe kwaka inyungu y’amahera baguranye abandi bantu? Kubwa Kristo, ni gute ikoreshwa ry’amahera ritandukanye n’uko biri muri Korowani? Uraronka inyishu mu gusoma kano gatabu.



6.01 -- IVYO UMUKORESHA AKWIYE KUMENYA IMBERE YO KUGIRIRANIRA AMASEZERANO Y’URUDANDAZA N’UMU ISLAMU?

6.02 -- Intangamarara

Muhamedi yari umudandaza. Yabaye mu buzima ar’umudandaza w’umwarabu. Ageze i Medina aca ashiraho itegeko rishasha mu kibano c’abimukira b’incabwenge hamwe n’abadandaza b’abahemu. Agiriranira amasezerano n’abagenzi hamwe n’abansi biwe muvya Politike. Ategura intambara hamwe n’ingwano kugira yironkere ubutunzi kandi yongera yizera ko ryaba n’idini ryakorana urudandaza na Allah.

Mu by’ukuri abasoma igitabo cya Allah, kandi bagakora Swala ubuhozaho, bakanatanga Zaka ku ibyo Twabahaye, baba babikoze mu ibanga cyangwa ku mugaragaro, abo nibo baba bafite ibyiringiro kugira ngo Allah azabagororere ibihembo byabo kandi byuzuye, ndetse akanabongerera abikuye mu buntu Bwe. Mu by’ukuri Allah ni Ghafurun (Uhebuje mu guhanagura ibyaha), Shakurun (Ushimira abantu ibyiza bakoze akanabatuburira ibihembo by’ishimwe (Sura Fatir 35:29-30).

Allah ubwiwe aboneka muri Korowani nk’umudandaza n’uwuzi imigambi yose agaharura ningoga kurusha n’imashini nyabwonko (Suras Ibrahim 14:34; al-Nahl 16:18; Maryam 19:94; al-Mujadila 58:6; al-Jinn 72:28 n’iyindi mirongo). Aharura ibikorwa n’amajambo yose y’umuntu (Suras al-Kahf 18:49; al-Naba' 78:27-29). Ku musi uteye ubwoba w’imperuka, “iminzane" izoshirwaho aho ibikorwa vy’umuntu vyose vyaba vyiza canke bibi bizopimwa (Suras al-A'raf 7:8-9; al-Mu'minun 23:102-103; al-Shura 42:17 n’iyindi mirongo).

Muri Korowani dushobora gusoma ay’amajambo y’igitangaza: Allah yaguze ubuzima n’imitungo by’abemera, abaguranira kubaha Jana. Barwana mu inzira ya Allah; bakica bakanicwa. Iri ni isezerano ry’ukuri Allah yihaye gusohoza muri ALTawrah (Tawurat), muri AL-Injili (Ivanjili), no muri Kor’ani. Ninde wakuzuza isezerano yiyemeje (gusohoza) kurusha Allah? Nuko rero ni mwishimire ubucuruzi bwanyu mwakoranye na We, kubera ko ari ugutsinda guhebuje (Sura al-Tawba 9:111).

Uyu murongo uhishura ivyiyumviro vya Muhamedi: Yatahura ukwizera, ingabire n’ukwitanga kw’aba Islamu mu ntambara nyeranda nko gushitsa ibikorwa vy’amasezerano na Allah. Kugira baragwe Paradizo, bategerezwa kwica abansi b’aba Islamu canke bakicwa ubwabo. Muhamedi yagize ingorane yo gutahura Ubutumwa Bwiza. Muribwo, dusoma ko Imana yacunguye abanyavyaha ibakuye mu buja bw’ivyaha vyabo mu kubacunguza amaraso y’igiciro kinini ya Yesu Kristo. Ariko mu Butumwa Bwiza, Imana niyo yaturihiye ivyaha vyacu ikoresheje amaraso ya Yesu (1 Ab’i Korinto 6:20; 7:23; 1 Petero 1:18-19 n’iyindi mirongo). Muri Islamu, aba Islamu bategerezwa gutanga amaraso yabo ubwabo canke bagatanga amaraso y’abandi bantu kugira bazoshike muri Paradizo! Korowani ivuga ibihushanye n’Ubutumwa Bwiza kandi ikerekana ukugororoka kw’umuntu gushingiye gusa ku bikorwa vyiza.

Muhamedi yatahuye idini nk’igikorwa c’inyungu kuri Allah: Uwutanga wese azoronka. Ariko uwudatanga ntaco azoronka! Uwukorera Allah wese azoronka impembo. Ariko uwutamukorera ntaco azoronka! Islamu ihamagarira abantu gukora no kwitanga kubwa Allah kugira bazoragwe Paradizo biciye mu bikorwa vyabo bwite. Kubwa Muhamedi, ubuntu ntaco bumaze ni nk’ikosa. Kubwiwe, imbabazi za gusa ni akarenganyo kuko buri kosa ryose ryategerezwa guhanwa canke kuja ku gatwe k’uwarikoze. Ntiyatahuye amahoro adashira Kristo yatanze mu kuyahakana afise ibindi atumbereye.

Umuntu wese ashaka kugirana amasezerano y’urudandaza n’aba Islamu, amenye ko azoba ashimye kwinjira mu mico aho Ubutumwa Bwiza ataco buzoba bukimaze. Ijuru n’isi bimeze nk’ingurane aba Islamu bahabwa iturutse kuri Allah.

6.03 -- Igikorwa nkenerwa c’impapuro zose z’urudandaza

Kubera ko mu vyiyumviro vya Muhamedi ubuzima ataco bwari bumaze atari igikorwa c’ukudandaza hagati y’ikiremwa n’umuremyi wacu, vyatumye abona ko ikintu cose umuntu ahemberwa aha kw’isi ari nk’igice c’igikorwa nyamukuru kiri munsi y’igenzurwa rya Allah.

Uguhanahana ibidandazwa vyaba vyinshi canke bike bitegerezwa kumenyekana kandi bigaterwako umukono n’ivyabona bibiri vy’abagabo b’aba Islamu. Mu runganwe rumwe rurangiye, abadandaza benshi b’aba Islamu ntibashobora gusoma canke kwandika. Ntibashobora rero kumenya ivyanditse mu masezerano. Hari igipfungu n’amakenga muri ubwo buryo bwo guhanahana ibidandazwa. Gutyo vyari kandi n’ubu biracari ngirakamaro guhitamwo umwanditsi w’umwizigirwa. Muhamedi nawe mw’itangura ry’ibikorwa vy’idini yiwe vyagora gusoma no kwandika (Sura al-A'raf 7:157-158) atanga itegeko mu buryo bwagutse mu gukora urudandaza mu bihugu vy’aba Islamu.

Yemwe abemeye mwe! Nimuhana imyenda hagati yanyu mukemeranya igihe ntarengwa cyo kuzishyuraniraho, ibyo mujye mubyandika; umwanditsi ajye yandika (ibikozwe) hagati yanyu nta kubogama. Umwanditsi ntakange kwandika akurikije uko Allah yamwigishije; ni uko rero umwanditsi niyandike. Ubarwaho umwenda ni avuge ibikwiriye kwandikwa kandi atinye Allah Umugenga we; ntakagire icyo ari cyo cyose agabanyaho. Ariko nimba ubarwaho umwenda ari injiji cyangwa ari umunyantege nke, cyangwa we adashoboye kuvuga ibyandikwa, umuhagarariye abe ariwe utegura anavuge ibigomba kwandikwa nta kubogama…Ntimugasuzugure kwandika ryaba rito cyangwa rinini. Nibwo butabera nyabwo mu maso ha Allah ni na byo byiza kandi bikwiriye kubirebana no gutanga abagabo, bituma hagati y’abafitanye ikibazo habaho gushidikanya guke-… (Sura al-Baqara 2:282a+c)

Iki gikorwa co kubimenyesha ni ic’agaciro igihe cose habaye guhanahana ibidandazwa canke amahera kandi ico gikorwa kirenza umusi umwe. Ihanahanwa ry’ibidandazwa rirangira umusi umwe ntiritegerezwa kumenyekana. Igikorwa c’amasezerano kigizwe n’ibidandazwa, amahera, ingurane n’amasezerano (Sura al-Ma'ida 5:106) no kurera impfuvyi (Sura al-Nisa' 4:2,6; al-An'am 6:152; al-Isra' 17:34; Fussilat 41:10 n’iyindi mirongo). IKigizwe kandi no gutanga imigabane (Sura al-Nisa' 4:2) kwemera gupfa hako wihora (Sura al-Nisa' 4:92). Incungu iha abaja b’aba Islamu kwidegemvya (Sura al-Nur 24:33) no gutanga itunga mu ntambara birashirwa mu nyandiko kugira ntibizoteze ingorane mu nyuma (Sura al-Hashr 59:71). Yaba n’amasezerano muvy’ubugeni ategerezwa kuba azwi kandi agashirwako umukono n’abaserukira imiryango ibiri, bitari uko ubwo bugeni ntibuba bwemewe n’amategeko. Mu gihe hatarabaho inyandiko y’amasezerano, ugusezerana canke uguhuza bazokwama babisaba. Ikindi kandi, ugutanga amahera mu gihe co kwahukana canke ku bapfakazi bitegerezwa kuba bizwi mu mategeko (Sura al-Talaq 65:2-3).

6.04 -- Ntugahemuke mu kudandariza mw’isoko

Muhamedi yabwiye akatari gake abantu biwe: Kandi nihagira ibyomugomba gupima, mujye mupima ibipimo byuzuye igihe mugize uwo mupimira; kandi mukoreshe iminzani itabeshya. Ibyo bizababera byiza kandi iherezo ryabyo nimwe rizagirira akamaro (Sura al-Isra' 17:35; raba kandi Suras al-A'raf 7:85; al-Shu'ara' 26:181-183; al-Rahman 55:8).

Agaciro k’ibidandazwa gakwiye kungana n’amahera yarishwe. Naho biri uko, umuguzi ubwiwe ategerezwa kwerekana agaciro k’ibidandazwa. Abadandaza mu mamangazini y’akarorero nibo gusa bishiriraho ibiciro. Mw’isoko, umuguzi arashobora kugabanya igiciro n’abagurisha. Arashobora gutohoza ubwiwe aho ibiciro bigeze. Ubwo buryo ntibubereye neza ku biciro vyo mu masoko makuru, ariko ni ngirakamaro kugereranya ibiciro vyo mu masoko makuru atandukanye kuko itandukaniro ry’ibiciro rishobora kuba rinini cane. Mu bihugu vyinshi vy’aba Islamu ntagenzurwa rihari ku biciro canke kubidandazwa kiretse ku mikate gusa aho mumareta, ibiciro bishirwaho n’ubutegetsi. Mu mahiganwa gusa niho ibiciro bigabanuka! Mu gihe habaye gusaba imfashanyo haca hashirwaho igiciro. Mu bihe vy’ibiza bikaze, ibiciro biraduga kurugero ruteye ubwoba!

6.05 -- Ntimugahemukiranire!

Muhamedi yari azi abamukurikira. Yakoze imyaka irenga mirongo ibiri ari umurongozi w’umudandaza mu rudandaza rwa kera rwo mu gisagara ca Maka. Kubw’ivyo, aca abwira aba Islamu biwe kutaronderanamwo inyungu.

Yemwe abemeye mwe! Ntimukarye imitungu ya bagenzi banyu mu buryo bw’amahugu, ariko mu byumvikane. Ntimukiyahure, mu by’ukuri Allah abagirira impuhwe cyane (Sura al-Nisa' 4 :29-30 ; raba Sura al-Baqara 2 :188).

Naho biri uko, iri subirwamwo ry’itegeko muvyo gukorana ibikorwa rifise agaciro gusa mu gihe bakorana n’abandi ba Islamu ! Abasenga imizimu, abayuda n’abakristo ntibakingiwe na Allah. Abanyamahanga baba imporero z’abadandaza b’aba Islamu. Mu gitondo, aho umunyaburayi yaravye impome zubatswe z’i Gizeh, uwarongora ingenzi yaciye atangura kuvugira mu bwongoshwa : Allah, ndagushimira ko umpaye umunyamahanga ! Uwo mushitsi nta kintu na kimwe yari azi kubijanye n’ibiciro n’abasangwa, gutyo uwarongora iyo ngenzi yarashobora kumukuramwo inyungu. Mu mamangazini menshi uzosangayo ubwoko bubiri bw’ibiciro : Igiciro co hasi ku basangwa n’igiciro co hejuru ku banyamahanga. Aba Islamu babitegurira uku : Izo ngenzi zikoresha amahera menshi mu kuza n’indege, rero nkwiriye nanje kuronka amwe mu mahera yabo ! Iyo umunyamahanga atemberereye ubwa mbere igihugu c’aba Islamu, aherekezwa n’umukristo w’imvukira iyo agiye mw’isoko kugira ntibamwibe.

Kubw’aba Islamu benshi, ingingo ngenderwako z’intambara nyeranda zisaba gukorana n’abanyamahanga. Muhamedi yavuze kenshi : “Intambara ni ubuhemu !” kuko aba Islamu kubwa Shari’a, bagwana n’abatari aba Islamu-kandi bagafata urudandaza nk’igice c’ingorane muvy’idini. Mu ntambara nyeranda, ukubesha biremewe. Aba Islamu bashobora kugurisha mu bwenge ibidandazwa bibi ku giciro kinini. Umuguzi niwe yihombera iyo abiguze ku giciro kinini. Uguhemuka gishobora kuba igikorwa ca Allah ! Kubw’impamvu nziza nk’uko vyanditse muri Korowani :

Bagambanye, Allah nawe acura uWe mugambi wo kuburizamo akagambane kabo. Allah niwe uhebuje abacura imigambi bose ! (Suras Al 'Imran 3 :54 ; al-Anfal 8 :30).

Uy’umurongo usigura : Abayuda bateguye kwica Isa, Umwana wa Mariya. Ariko Allah aramukingira mu kumukiza amaboko y’abayuda ! Aha tubona inkomoko y’umuhemutsi w’abahemutsi n’ububeshi muri Islamu : Mwebwe mur’aba so wa Murwanizi, kand’ivyo so yifuza nivyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubwa mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahageze mu kuri, kukw’ata kuri kuri muri we. Iy’avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw’ar’umunyabinyoma, kandi ariwe se wavyo. Ariko jeho, kuko mvuga ivy’ukuri, ntimunyemera (Yohana 8 :44-45). Korowani siko ivyemeza, ivuga : Mu by’ukuri indyarya zishaka kuryarya Allah. Allah na We azazihanira ubwo buryarya ! (Sura al-Nisa' 4 :142) Ntidukwiye gutangara iyo abo bamera ubwabo Allah buzuye impwemu yiwe y’ububeshi!

Si aba Islamu bose babaho nk’uko Korowani ivuga. Benshi barubaha kandi ni abanyakuri. Iyo duhuye nabo, dushobora kumenya ngo ni iyihe nyifato yabo. Abakoresha b’aba Islamu kenshi bizigira abakristo bo mumahanga kurusha abantu babo bwite. Bazi ko abo banyamahanga batazobahemukira. Bazigama amasezerano yabo. Aba Islamu bagenzura abanyamahanga kandi bakamenya vuba ni bande bo kwizigirwa mu rudandaza n’abatari bo. Muri Islamu, ibiganiro muvy’urudandaza hakenewemwo kwizigirana ! Ariko ikinyoma kibonekeye mu makenga akorerwa mu rundi rudandaza no mu mahiganwa yo gutsindira amahinguriro y’i Burayi no mu buseruko gituma habaho ukutizera. Ukutizera abadandaza b’i Burayi no mu buseruko biramaze kurenga urugero kandi bigwiza n’ububi bw’amahinguriro yo hanze. Naho biri uko, abakoresha b’abakristo bafise ibanga ritaboneka kandi ab’isi batazi : Mpwemu w’Ukuri (Yohana 16 :13-15). Habayeho gukurikirana ukuri no gukora ibikorwa bikomeye, ukutizigira n’amakenga bizorangira no mu bihungu vyo mu bugaragwa.

6.06 -- Ivyabona bibiri mu kurangiza amasezerano

Havuye ayo makuru turangije inyuma, turabona impamvu Muhamedi yashaka ko uguhanahana ibidadanzwa canke amahera bitegerezwa guterwako umukono n’ivyabona bibiri. Uguhitamwo ivyabona n’igikorwa cabo cerekana ugushira hamwe ndetse n’igikorwa c’icubahiro mu muryango w’aba ba Islamu. Mu murongo usanzwe uri muri Korowani, dushobora gusoma :

... Kandi murimwe mujye mutoramo abagabo babiri, bo kwifashisha nk’abahamya, niba nta bagabo babiri bashobora kuboneka, mujye mushaka umugabo umwe n’abagore babiri, mu bakure mu bantu mwemera ko baba abahamya, kugira ngo nihagira umwe ugira icyo yibagirwa undi amwibutse. Abatangabuhamya ntibakange gutanga ubuhamya igihe bahamagariwe kubutanga. Ariko niba hari igikorwa cy’ubucuruzi murimo gukora, mujye muzana abagabo bo kubibera abahamya. Ni uko rero nimutinye Allah. Allah arabigisha kandi Allah ni Umenya buri kintu. (Sura al-Baqara 2 :282b na 282d na 283).

Mu rindi tegeko rya Allah, turabona ukuntu igikorwa giteye ubwoba c’icabona gishobora kumera :

Iyo abo bantu bashinjaga uwo mugore w’intungane ubusambanyi baza gutanga abahamya bane bo guhamya ibyo bavugaga !! Ariko kubera nta bahamya bazanye bo kubihamya, mu by’ukuri n’imbere ya Allah ni abanyakinyoma (Sura al-Nur 24 :4, 13-16).

Muri Islamu, intahe itegerezwa kwama itahuritse kandi y’ukuri. Kubwa Allah, ivyabona bitegerezwa guharanira ubutungane. Intahe yabo ntishobora gukoreshwa mu kwankana cane batabishaka.

Yemwe abemeye mwe ! Mube abantu bo gushyigikira ubutabera n’uburinganire, kandi mube abahamya batanga ubuhamya bw’ukuri kubera Allah n’ubwo byaba bitari mu inyungu zanyu, cyangwa ababyeyi banyu n’abo mufitanye isano ; abo musabwe gutangaho ubuhamya baba abakire cyangwa abatindi ibyabo ntukabirebe ngo bibe byabavaho bigutere kubogama no gucisha kubiri n’ukuri, kuko Allah abari hafi kukurusha. Nuko rero ntimuzategekwe n’irari kuko byashobora kubatera kuva mu inzira y’ukuri ; Allah aba arebana n’ibyo mukora byose (Sura al-Nisa' 4 :135).

Kubwa Korowani, ivyabona vy’ukuri bizoshirwa hejuru ku musi w’urubanza kurusha abandi bizera (Sura al-Baqara 2 :212). Bashobora rimwe na rimwe gufatwa n’abo bakorana urudandaza bumva ko bakengerewe kugira ngo ivyo vyabona bishobore kubabazwa no guhanishwa urupfu.

6.07 -- Ubwizigirwa no gutangura amasezerano

Hizerwa ko aba Islamu baha agaciro kanini amasezerano y’urufatiro canke y’ubugeni iyo yemejwe n’aba Islamu babiri bazwi. Muri Korowani, isezerano rya Allah n’abantu ni isezerano rishasha n’isezerano rya kera bita muri iri jambo (‘ahd) nk’amasezerano y’urufatiro.

Islamu ibafata nk’imvugakuri, abantu bizera izi nkingi zitandatu (Allah, abamarayika biwe, ibitabu vyiwe, abaserukizi biwe, ivyo yategekanije n’umusi w’izuka kugira abantu bacirirwe urubanza), bakoresha amahera yabo kubwa Allah kandi bishobotse bakayaha (abavukanyi, aboro, abashitsi, abasirikare, abasezi canke aba Islamu b’abaja). Ikindi kandi amasengesho atanu ku musi, amakori y’idini no kuzigama amasezerano n’ivyategetswe biri muvyo uwizera ategerezwa gukora (Sura al-Baqara 2 :177).

Muri uru rutonde rw’ivyo aba Islamu bategerezwa gukora harimwo ubwizigirwa mu kuzigama amasezerano co kimwe n’ayandi mategeko n’amabwirizwa. Ibi vyerekana kandi ko Muhamedi yari umudandaza kandi mu gutahura ivy’ijuru na gihonomu, Allah yari umudandaza afata abantu biwe nk’abaja canke abo bagirana amasezerano. Ibi bikaboneka muri aya majambo :

Nimusezeranya Allah (ko mwemeye kuba abayisilamu), mujye musohoza iryo sezerano (mucira bugufi ubushake Bwe) ; kandi ntimukice iryo sezerano nyuma yuko muba mwamaze kurikora. (Kandi iyo mwarikoze), muba mwamaze kugira Allah umuhamya waryo. Mu by’ukuri Allah Azi ibyo mukora byose (Sura al-Nahl 16 :91)

Korowani ivuga kandi :

Uretse abo mwakoranye amasezerano mu babangikanya, ariko na nubu bakaba batari babahemukira mu buryo ubwo aribwo bwose, cyangwa akaba nta muntu n’umwe ubarwanya bari bashyigikira, abo mukomeze kubahiriza ayo masezerano mwakoranye nabo kugeza igihe cyabo kirangiye. Mu by’ukuri Allah akunda abamutinya (bamuha icyubahiro kimukwiriye kandi bakanamuhoza ku mutima no mu bitekerezo byabo (Sura al-Tawba 9 :3c na 4)

Uyu murongo ni uwo Muhamedi yavuga mu ntambara agwana n’abadandaza basenga ibiti n’amabuye (animists) b’i Maka (Sura al-Tawba 9 :1-6). Yabise ingwanyi zitagira imbabazi, cane cane kuri abo bafitanye amasezrano bashitsa amategeko bategekwa aba Islamu : Hanyuma y’amezi ane matagatifu narangira, muzarwane-maze mwice ababangikanyamana aho muzababona hose. Muzabafate bunyago, muzabagote munabubikire muri buri nzira mushobora kububikiramo yose ! (Sura al-Tawba 9 :5b) Muhamedi yavuze ko mu gihe co kuzigama amasezerano, abasenga imana nyinshi bashobora kwihanganirwa ! Ubwizigirwa mu rudandaza ruboneka muri Korowani nk’ibikorwa vyiza bibatsindanishiriza !

Ariko aragowe, uwo wese arenga ku masezerano ! Muhamedi yakoresheje aya majambo adashoboka mu kuvuga abatari aba Islamu barenga amasezerano yabo :

Muvy’ukuri ibinyabuzima bigenda ku isi bibi cane mumaso ya Allah, ni abahakanye, kugeza ubwo badashobora kwemera. Abo wakoranye nabo isezerano, ariko buri igihe niko bica iryo isezerano, kandi ntibatinya (guhemuka). Nimusakirana nabo kurugamba (mukabaganza, mujye murwana) inkundura (kugeza naho) bakwiriye imishwaro, (ivyo bitume mukomesha) aba bari inyuma yabo, basobanukirwe (ko ivyo bakora bizabashyira mukaga). Nimutinya ubuhemu bw’abantu (mwakoranye amasezerano), mujye mushyira iruhande) ayo masezerano mwakoranye, munabatangarize kuyasesa. Muvy’ukuri Allah ntakunda abantu bahemuka. (Sura al-Anfal 8 :55-58)

Abasiguzi banditse ko abarenga ku masezerano bakwiye guhanwa kandi basubiyemwo gukosha bategerezwa gukurwaho mu kugirirwa nabi. Naho biri uko, iyo umu Islamu yumva canke amenye ko uwo bagiranye amasezerano ashaka kuyarengako, ashobora kumwirukana agaca ayasambura vyihuta ubwiwe ! Iri tegeko ntirivana n’ukurenga ku masezerano nyezina ariko iyo yiyumviriye ko uwo basezeranye afise intumbero yo kuyarengako ! Ukwikeka gusa biha uburenganzira umu Islamu bwo kurenga ku masezerano yateweko umukono.

Muhamedi yatahuye iciyumviro co kurenga ku masezerano muri Korowani muri aya majambo

Na babandi bica isezerano bakoranye na Allah (n’ayo baba barakoranye n’abantu bagenzi babo) ; bakanatandukanya ibyo Allah yategetse ko bihuzwa (baca umubano mwiza wari hagati y’abo n’abo bafitanye isano), banakora ubwangizi mugihugu ; abo nibo bazokwamana n’umuvumo (bashyirwa kure y’impuhwe za Allah), kandi ubuturo bazabamo (bwo mumuriro) ni bubi cyane ! (Sura al-Ra'd 13 :25)

Igihano cabo kiri mu buryo bwagutse muri Sura al-Ma'ida 5 :33.

6.08 -- Ukugwiza indahiro muri Islamu

Mu bihugu vy’aba Islamu, indahiro n’amasezerano bifise agaciro mu gutegura urudandaza, amasezerano y’ubugeni, kurihira impfuvyi n’ayandi masezerano yoza munyuma.

Naho biri uko, indahiro usanga kenshi ari ikimenyetso c’uko atawizeye uwundi neza. Gutyo, indahiro zigakuraho amakenga.

Rimwe na rimwe, uwurahira ntaba azi neza muri we ngo ni ikihe kintu akwiye kugenderako. Rero agashaka gukuraho ukwo gukekeranya mu kurahira. Mu bihugu vy’aba Islamu, indahiro kenshi ni ikimenyetso co kwitega ingorane. Naho biri uko, muri Korowani Muhamedi avuga ivy’indahiro yizewe ariko akagwanya indahiro z’igihutihuti. Incuro nyinshi abuza kurahira mw’izina rya Allah kubw’ibigumbagumba. Mu gihe c’impari, indahiro y’igihutihuti ntishobora gutuma abantu batiyuzuza (Sura al-Baqara 2 :224).

Bihurijweko n’abigisha bose b’aba Islamu, yemeje : Allah ntabahora indahiro murahira mucitswe, ahubwo abahora ivyo mugambirira mu mitima yanyu. Kandi Allah ni Ghafurun (uhebuje muguhanagura ivyaha), Halimun (uhebuje kwihanganira kudahana abo yakagomvye guhana). Sura al-Baqara 2 :225

Aha tubona ukugerageza kwicisha bugufi muba Islamu benshi. Mu guterana intege, barahira bihuta kugira ntibasubire kubikora, ivyo bazokwicuza mu nyuma ariko bagakekeranya kwongera kurahira kuko bisanga baboshwe n’indahiro barahiye. Muhamedi yavuze ko Allah atazofata indahiro y’igihutihuti nka nkama, ariko azoraba intumbero bari bafise yatumye barahira.

Ariko Yesu yategetse : Mwarumvise kandi ko aba kera babwiwe, ngo ntukarahire wirahuruze, ariko uzokorere Uhoraho ivyo wamusezeraniye : ariko jeho ndababwire : Ntukarahire namba ; nturahire ijuru, kukw’ari intebe y’Imana ; cank’isi, kukw’ariyo ndava y’ibirenge vyayo ; cank’i Yerusalemu, kukw’ari umurwa w’Umwami ahambaye. Nturahire umutwe wawe, kuk’udashobora guhindura agashatsi na kamwe ngo kere canke ngo kirabure. Arikw’ijambo ryanyu ribe Ego, ego ; Oya, oya : ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi. (Matayo 5 :33-37)

Vyongeye haranditse : Ariko bene Data, ikiruta vyose, ntimukarahire : ntimurahire ijuru, cank’isi, cank’iyindi ndahiro yose : arikw’ijambo ryanyu ribe Ego, ego ; Oya, oya, kugira ngo ntimucirwe kw’iteka (Yakobo 5 :12)

Ikindi Yesu yavuze : Kandi ndababwira yuko ijambo ryose risunitswe n’impwemu abantu bavuga bazoribazwa ku musi w’amateka. Amajambo yawe niyo azotuma utsinda cank’amajambo yawe niyo azotuma utsindwa (Matayo 12 :36-37)

Amategeko nk’ayo ntabwo azwi na gato mu bihugu vy’aba Islamu. Nta mpwemu w’ukuri ariyo. Aba Islamu bagerageza kuyisubiriza indahiro zabo nyinshi.

Muhamedi yavuze ko intango y’umusi wanyuma abo musangiye amaraso ataribo bonyene bazorihwa ! Baba n’abahawe amasezerano ashingiye ku ndahiro bazorihwa ! Allah niwe azoba icabona ca bose (Sura al-Nisa' 4 :33).

Korowani itandukanya indahiro z’igihutihuti zishingiye ku bigumbaguma zijanye na kazoza hamwe n’indahiro z’ivyo muri kahise canke izashitsweko biciye mw’izina rya Allah.

Nimusezeranya Allah (ko mwemeye kuba abayisilamu), mujye musohoza iryo sezerano (mucira bugufi ubushake bwe) ; kandi ntimukice iryo sezerano nyuma yuko muba mwamaze kurikora. (Kandi iyo mwarikoze), muba mwamaze kugira Allah umuhamya waryo. Muvy’ukuri Allah azi ibyo mukora byose. (Sura al-Nahl 16 :91)

Amashure yose ya Shari’a abona muri uyu murongo ibuye rigumya imfuruka mu rudandaza rw’aba Islamu ndetse n’ivy’idini vyose, amasezerano y’urudandaza, ikibano na Politike- iyo bayashitseko mw’izina rya Allah ! Muri iki gihe, Allah aba icabona, uwushiraho ibihe n’umucamanza w’abahanye amasezerano ! Ay’amasezerano yashitsweko hagati y’aba Islamu yisunga ikiringo c’ivy’idini kuko abatari aba Islamu ntibizera Allah kandi ntibashobora kurahira mw’izina ryiwe kiretse nabo bahindutse aba Islamu.

Naho biri uko, mu gihe habayeho kurenga indahiro, Muhamedi yarateguye inzira muri Korowani y’uko bizotunganywa : Allah ntabagayira indahiro murahira mutabigambiriye, ahubwo abagayira indahiro mukora nkana mwabigambiriye. Kafara (impongano y’icyaha) cy’ (indahiro mwakoze hanyuma ntimusohoze ibyo mwarahiriye) ni ukugaburira abakene cumi mubahaye nk’ibyo mukunze kugaburira abantu bo mu ingo zanyu, cyangwa kubambika, cyangwa kubohora umucakara. Utazabibona azakore swawumu imisi itatu. Iyi niyo kafara y’indahiro zanyu mukora (mwarangiza ntimukore ibyo muba mwarahiriye). Mujye murinda kandi munubahirize indahiro zanyu (ntimukarahire ibyo muzi ko mutazakora). Uko niko Allah abasobanurira imirongo y’ibyahishuwe bye kugira ngo mushimire (Sura al-Ma'ida 5 :89)

Muri Islamu si indahiro z’ibigumbagumba gusa zibabarirwa ariko kandi n’ukurenga indahiro bishobora kubabarirwa, si indahiro zibigumbagumba gusa zigirigwa imbabazi ariko kandi nizi ndahiro z’incamutima zirashobora kugirirwa imbabazi kubw’igihano categuwe. Ivyiyumviro vyo gukoshereza Allah canke uwo mwagiraniye amasezerano yo gukorana ntibiharurwa. Kandi ukunagura amasezerano ntibivugwa. Igihano c’uwarenze amasezerano gihwamika ivyo mubwenge bwiwe.

Aba Islamu bamwe bamwe bavuga ko igihano nk’ico cari kibereye gusa mugihe amasezerano arenzwe n’aba Islamu ariko atari kubatizera ! Aba yaramaze kuvumwa na Allah we yateguye intambara yo kumugwanya. Ukurenga isezerano wagiranye n’uwutizera bifatwa nka kimwe mubihano bimubereye kubera yihakanye Islamu.

Akandi karorero kubijanye no kugwiza indahiro mu bihugu vy’aba Islamu kaboneka muri iyi mirongo ikurikira yo muri Korowani:

Yemwe abemeye mwe! Umwe muri mwe niyegereza igihe cyo gupfa agashaka gusiga umurage, mujye mutegura abatangabuhamya babiri b’inyangamugayomwikuyemwo (mu Bayisilamu bagenzi banyu). Cyangwa nimuba muri murugendo maze mukabona mugiye kugerwaho n’ibyago by’urupfu (mutegure abandi batangabuhamya babiri b’inyangamugayo) batabavuyemo (batari Abayisilamu hafi yanyu). (Mwe abazazungura nyakwigendera) nimubona mufite gushidikanya (kukuri kw’abo bahamya kubirebana n’ubuhamya batanga kuri uwo murage), nyuma ya swala mujye mubahagurutsa babanze barahire mu izina rya Allah (maze mukurahira kwabo bavuge bati): Nta nyungu nanke dushaka gukura muri ubu buhamwa tugiye gutanga niyo twaba dufitanye isano n’uwarazwe, kuko turamutse tugize n’icyo dushaka guhisha abantu kubirebana n’ubu buhamya, nta nagike twashobora guhisha Allah. Muvy’ukuri (nituramuka hari icyo duhishe kuri ubu buhamya), icyo cyaha kizaduhame tubarwe nk’abanyabyaha. Nibimenyekana ko abo batangabuhamya bombi hari ukuntu bakoze icyaha (cyo kubeshya), abandi batangabuhamya babiri bafite uburenganzira (bwo kuzungura) nyakwigendera, bajye bahaguruka mu mwanya wa babandi babanje (gutanga ubuhamya) maze barahire mu izina rya Allah (bavuga bati): Mu by’ukuri ubuhamya bwacu tugiye gutanga, bufite ukuri kuruta ubw’ababanje, kandi ntitwarengereye mu buryo ubwo aribwo bwose, kuko turamutse tunabikoze twabarwa nk’abahemu. Ubu buryo (bwo gutanga ubuhamya kubirebana n’umurage) nibwo bwiza cyane bukwiriye gukurikizwa niba abantu bashaka ko ubuhamya butangwa buba ari ukuri, naho ubundi abantu bashobora gutinya ko nyuma yo gutanga ubuhamya (ubuhamya bwabo) hari ubundi buzatangwa. Mutinye Allah kandi mujye (mutega amatwi) mwumve (ibyo mubwirwa). Mu by’ukuri Allah ntayobora abantu b’abanyabyaha. (Sura al-Ma'ida 5:106-108)

Nyuma y’izo ndahiro z’urudaca, akandi karorero ko muri korowani kerekana agaciro gato k’indahiro muri Islamu:

Kandi (abagabo) barega abagore (babo ko ari abasambanyi) ariko ntabandi bahamya bafite bo kubihamya uretse bo gusa, ubuhamwa bw’umwe muri bo (buba bwemewe) iyo abutanze abanje kurahira mu izina rya Allah inshuro enye zose ko we ari mubavuga ukuri. (Hanyuma agakora indahiro) ku inshuro ya gatanu (ayikoze nk’aho ari isengesho ry’ubusabe abwira Allah); ko amumanuriraho umuvumo We, niba (ibyo agiye guhamya ari ukubeshya. (Umugore warezwe ubusambanyi n’umugabo we), akugwaho igihano no kurahira indahiro enye mu izina rya Allah ko iby’umugabo we amushinja ari ikinyama, bimukuriraho icyo gihano yari agiye guhabwa. Maze kunshuro ya gatanu (uwo mugore akarahira na none mu izina rya Allah nk’aho ari isengesho ry’ubusabe arimo gukora; abwira Allah ko) agerwaho n’uburakazi bwa Allah niba (umugabo we) ari mubanyakuri. (Sura al-Nur 24:6-9)

Uwogerageza wese gukoresha izo nguvu mukwerekana ibinyoma nk’ukuri imbere ya Allah ashobora kugwara! Ukugwiza indahiro muri Islamu bikoreshwa mukugerageza kunyegeza ibinyoma no guhemuka. Ntankeka, hariho aba Islamu b’ukuri, ariko Korowani ishinga intahe yo kurwanya impwemu yabo kandi igategura uburyo bwo kwiyorobeka mu kwigira abagororotsi. Muri ukwo kugerageza bitaho cane gukoresha uburyo bwo kwivuma ubwabo. Ntamuhamagaro wo kwihana ubaho iwabo nk’uko Yesaya yavuze (Yesaya 6:5-7) kandi ntaho tubona herekana ukuntu abanyavyaha bihuza n’Imana! Vyose biguma uko vyamye. Muri Islamu ntakuvuka ubwa kabiri mu mpwemu no mu mubiri biciye mu kuri no mu buntu vya Mpwemu Yera.

Ni gute ihinduka nk’iri ryari gushika mu gihe Muhamedi ubwiwe yarenze indahiro y’itegeko rihambaye yahawe na Allah mu gusigura uburyo bwo kubesha nk’inzira yemewe kuba Islamu bose?

Yewe Muhanuzi we! Kuki wibuza ukanaziririza ibyo Allah yakwemereye kugiraho umudendezo? Urashaka gushimwa no kwemerwa n’abagore bawe. Kandi Allah ari Ghafurun (Uhebuje mu guhanagura ibyaha), Rahiimun (Nyirabuntu bwose). Mu by’ukuri Allah yabashyiriyeho amategeko arebana n’uburyo mutesha agaciro (ibyo muba mwarakoreye) indahiro mu bihe bimwe na bimwe (ko mutazabikora, cyangwa mwarahiriye kubikora, (ayo mategeko agatuma muzirurirwa kubikora cyangwa kutabikora). Kandi Allah ni Umugenga wanyu, kandi niwe Al-Alim (Umumenyi, Al-Hakiim (soko y’ubuhanga). (Sura al-Tahrim 66:1-2)

Igihe Hafsa, umwe mubagore ba Muhamedi, atariho yari ari, Muhamedi yaciye asambana n’umwe mubakobwa b’abaja biwe. Ariko hadaciye akanya Hafsa umugore wiwe aca araza abasanga mucumba bariko barasambana. Hafsa araturika ararira ashangashiwe cane. Aisha, nk’umugore akiri muto wa Muhamedi, aca aremesha Hafsa. Abo bagore babiri bakiri bato ba Muhamedi barindirira hanze gushika umugabo wabo asohotse. Nuko bagerageza kumuhanura ngo ntaze abisubire. Muhamedi yashaka kubahoza kugira ngo munzu yiwe haboneke amahoro. Aca arahirira imbere zabo ko atazongera gukora ibintu nk’ivyo.

Munyuma Muhamedi yaje kwicuza icatumye arahira iyo ndahiro kubera babimusavye. Allah aca amuhishurira ko atarekuriwe guheba uburenganzira bwiwe kuri abo bakobwa b’abaja, kubera ko uguhindura amategeko ya Islamu vyotera umugumuko mu muryango kislamu. Kuri iri tegeko ngenderwako “Allah” yamutegetse- kimwe n’abandi ba Islamu bose- gukuraho indahiro z’ibigumbagumba zabo zose zigikubiriraho, zikorana n’ivya kazoza!

Muri iki gice nta nakimwe dusoma kubijanye n’ibihano. Ariko abacamanza kislamu babisigura mu mategeko bivanye n’isura n’imigenzo ya Muhamedi.

Ukuri kugumaho ko na Muhamedi ubwiwe indahiro itari ikiboshwe bishimitse. Mbega ni ibiki vyari vyitezwe kubamukurikira? Igitugu kirakura ntigisumba izosi.

Ariko nubwo biruko, si ubwizigirwa bwose bw’aba Islamu bwaheze! Kuva mubihe vyaheze hagumyeho amategeko yo guhana ikaze. Hambavu y’imbere y’ukuza kw’imigenzo y’abimukira vyashizeho ubwizigirwa, ubuntu n’ukwizigira rimwe na rimwe biradutangaza canke bikaducisha bugufi. Iyo mico n’imigenzo iragaragara kandi no muri Korowani.

6.09 -- Ukwinjiza canke ukugurana amahera

Nimubona muri kurugendo ntimubone umwanditsi, icyo gihe (uwishyuza) ahabwe (ikintu kibe) ingwate ifatwa. Kandi nimwizerana hagati yanyu (uwatanze ideni ntiyake ingwate uwarihawe), uwizeye (agahabwa ideni ntangwate atanze), ajye yishyura iryo deni yagurijwe ntamananiza abayeho, anatinye Allah Umugenga We kandi ntimugahishe ubuhamya (musabwe gutanga). Ubuhisha (ntashake kubutanga), umutima we uba ukoze icyaha. Kandi Allah ni Aliimun (Umumenyi uzi neza) ivyo mukora byose. (Suras al-Nisa' 4:58; al-Baqara 2:283)

Mubuvugishwa bw’umwiza Allah ubwiwe niwe yatanze Korowani, Islamu, Shari’a n’ikintu cose nk’ingurane akoresheje amajambo yagatwengo ku muntu. Allah yoba yaravuze ati:

Muby’ukuri Twe Twamurikiye amajuru, isi, n’imisozi inshingano (zacu, zarimo ko byagombaga kubahiriza amategeko yacu, bikanagira ibyo bireka gukora, Turabibaza Tuti: Mwemeye gukurikiza no kubahiriza izi nshingano? Mwazubahiriza Tukazabahemba kuba muri Jana, mutazubahiriza Tukazabahanisha kubashira mumuriro utazima wa Jahanamu. Ariko kubera ubwoba ibyo byabiteye), byanga kuyikorera biranayitinya. Umuntu (ariwe Adamu n’urubyaro rwamukomotseho) barayikorera. Rwose we ni umuhemu mubi (kuburyo agera naho yihemukira ubwe) kubera kubura ubwenge bwo kumenya (no gusobanukirwa ingaruka zari kuzamugeraho kubera ibyo yari yemeye kwirengera). Kugira ngo Allah ahane indyarya n’indyaryakazi, n’ababangikanyamana kazi. Kandi yakire ukwihana kw’abemera n’abemerakazi. Kandi Allah ni Ghafuruni (Uhebuje muguhanagura ibyaha), Rahiimun (Nyirubuntu bwose). (Sura al-Ahzab 33:72, 73) Kandi ayo majambo asobanye yashizwe mumvugo y’umudandaji.

Imirongo ibiri ngirakamaro ya Korowani (Sura al-Baqara 2:282-283) ivuga muncamake amasezerano yose mubikorwa vy’urudandaza vy’aba Islamu binavugako ingurane n’amadeni bitegerezwa kwemerwa, bigaterwako umukono n’ivyabona bibiri akarihwa inyuma y’ikiringo cumvikanywe atanyungu. Iri tegeko ntabwo ryatejwe imbere neza mu gihe ca Muhamedi. Ryerekanywe mu nyuma n’abacamanza bagendera kuri Korowani. Naho biri uko, dushobora gusoma mu gitabu c’aba Islamu:

Niba (uwafashe umwenda) afite ibizazane, (uwamugurije umwishyza) arindire kugeza igihe azashoborera kumwishura. Kandi (nimubabarira ababarimo imyenda ntimubishuze) mukayigira sadaka (ubufasha mubahaye), nibyiza kuri mwe iyo ibyo mwari mubizi. 281 Mutinye umusi muzasubirizwaho kwa Allah nyuma buri muntu akagororerwa nibyo yakoze, kandi ntimuzarenganywa. (Sura al-Baqara 2:280-281)

6.10 -- Igwana rya Muhamedi kugira aronke inyungu zo mu mahinguriro

Muhamedi yaraciye mu buzima bw’urudandaza kandi mu gihe ciwe c’i Maka amategeko, imitego n’ingorane zose vyaterwa n’amahera. Yahuye n’umutunzi w’umuyuda i Medina kandi yari azi abantu bagurana amahera kugira bahabwe inyungu nyinshi. Aba Islamu nabo baciye bakurikiza iyi ngendo mbi. Batiriwe barakora igikorwa na kimwe baronka amahera mu kugurana. Muri iyo nzira, Muhamedi yaciye asanga abatunzi barushiriza kuba abatunzi, aboro bakarushiriza kuba aboro. Baba n’abakene bakoresha ubukene bwabo kugira batange inyungu mu mahinguriro yabo. Gutyo, Muhamedi aca atanguza intambara nyeranda ku bantu bagurana amahera bashaka inyungu!

275 Abarya Riba (kumusi w’imperuka) ntibazahagarara uretse ko bazahagarara nk’umuntu uhanzweho na shetani amugaragura, ibyo ni ukubera ko bavuga bati: Abacuruzi ni nka Riba, nyamara Allah azirura ubucuruzi akaziririza Riba. Umuntu wese wagezweho n’impanuro ndetse no kwihanagirizwa bivuye kuri Allah Umugenga we, akarekeraho (kwaka no kwakira Riba) yemerewe kugumana (umutungo yakuye muri Riba) mubihe byaheze. Urubanza rwe ruri mumaboko ya Allah, naho abazasubira (gukora icyo cyaha), abo ni abantu bo mu muriro, bazawubamo ubuziraherezo. 276 Allah atubya (imigisha y’) umutungo urimo Riba maze agatubura (imigisha y’umutungo utangirwa) Sadaka, kandi Allah ntakunda buri muhakanyi ukora ibyaha. 277 Mu by’ukuri abemeye bagakora ibitunganye, bagakora Swala ubuhozaho bakanatanga Zaka, ibihembo byabo biri kwa Allah Umugenga wabo. Nta bwoba nta n’agahinda bazagira. 278 Yemwe abemeye mwe! Nimutinye Allah, muhare Riba yari isigaye niba muri abemera koko. 279 Nimudakora (ibyo mbategetse), mwitegure intambara iturutse kwa Allah no ku ntumwa ye. Ariko nimwihana (mukareka kurya Riba mugahindukirira Allah), icyo gihe mumenyeko umutungu wanyu (mwagurije abantu) ariwo mufiteho uburenganzira gusa (ariko mudafite uburenganzira ku inyungu mwabatse); ntawe muhuguje (mubo mwahaye ideni mubaka ibirenze ibyo mwabagurije), kandi namwe mudahugujwe (imitungo yanyu) (Sura al-Baqara 2:275-279)

Muhamedi yakomeje kwigisha agwanya inyungu z’amahinguriro:

Yemwe abemeye mwe! Ntimukarye Riba mwongeranya inyungu hejuru y’izindi, kandi mutinye Allah kugira ngo mubone agakiza (Sura Al 'Imran 3:130)

Ntimukarye imitungo ya (bagenzi) banyu mu buryo butemewe na shariya, munayijyana mu bacamanza (mubaha ruswa mbere y’uko babacira imanza) kugira ngo murye imwe mu mitungo y’abantu mu buryo bw’amahugu, kandi muzi neza (ko iyo mitungo atari iyanyu) (Sura al-Baqara 2:188)

6.11 -- Gusaba ingurane mw’ibanki yo mw’ijuru

Muhamedi yasavye imigabane ibiri aba Islamu biwe. Yababujije gutanga canke kwaka inyungu ngaha kw’isi ariko kandi abahimiriza gutanga ingurane mw’ijuru yongera abasezeranira kuzoronka amahera menshi avuye muyo bazoba batanze. Ngaha kw’isi, Muhamedi yababujije kwaka inyungu ariko ababwira ko mw’ijuru Allah azobaha inyungu zitagira akagero!

Mu ntango yavuga: Allah azobasubiza ivyo mutanga (Suras al-Baqara 2:272; Saba' 34:39), amahera yanyu abitse mw’ijuru (Sura al-Muzammil 73:20).

Mu nyuma aca yigisha ko umuntu wese atanga kubw’idini rya Allah, azoronka impembo ibereye mw’ijuru. Ibi bisa n’igikorwa co gutegekeraniriza amagara yabo. Uko uzotanga vyinshi niko uzohabwa vyinshi mw’ijuru mu kubayo nk’uwufise ivyo yinjiza ibihe bidashira (Suras al-Baqara 2:262,274,277; al-Nisa' 4:124; al-Hadid 57:7; al-Muzammil 73:20 n’iyindi mirongo).

Mu nyuma Muhamedi yanditse: Allah azogwiza ingurane yose niyashimishwa n’uko ingana (Suras al-Baqara 2:265; al-Nisa' 4:39-40; al-Rum 30:39 n’iyindi mirongo).

Muhamedi akeneye amahera menshi yo guteza imbere ikibano c’i Medina, intambara canke abapfakazi bapfakajwe n’intambara, impfuvyi yaciye asezerana ko ingurane ihawe Allah izogwizwa ibiheta ngabo vyinshi (Suras al-Baqara 2: 245,261; al-Hadid 57:10-11 na 18).

Muhamedi yasaba mbere abayuda n’indyarya gutanga. Ukwitanga kwabo kuzobazanira imbabazi, uguhanwa n’ukwezwa ivyaha vyabo (Suras al-Baqara 2:271; al-Tawba 9:103; al-Taghabun 64:17; al-Muzammil 73:20).

Muhamedi yakoresha ivyiyumviro ko muri Islamu ibikorwa vyiza arivyo bitanga ukugororoka! Yategetswe kuzanira amahera menshi idini ryiwe. Yakora ukwo ashoboye kwose kugira ashike kuri iyo ntumbero!

6.12 -- Itunga n’inyungu

Mukigobe c’abarabu hamyeho umusenyi mwinshi, amabuye n’ubugaragwa, ariko kandi hariho n’akavu gakeya, ntamahinguriro yariho canke inyubako zigezweho. Ukudandaza hakoreshejwe ingamiya nibwo bwari uburyo bwiza bwokuronka inyungu! Nubwo vyari uko, ibitero bititeguwe kwiyo migwi vyari ibisanzwe.

Igihe Muhamedi yava i Maka yategerezwa kuronderera imiryango yahunze 100 ikintu cose yakenera. Ivyo bahunganye vyaciye birangira haciye igihe gito. Aba Islamu biwe baca batangura kwidodomba. Nt’amahirwe bari bafise yo kuronka akazi. Mu nyuma, Muhamedi aca ategeka abamukurikira gutangura ibitero vyo kugwana n’abadandaza b’i Maka kuvaho batanguriye kuronka ubutunzi bw’impunzi. Ariko nubwo vyari uko, abarondera impunzi z’i Medina ntibashatse kugwanya abavukanyi babo b’i Maka. Ariko Muhamedi yaciye abonako: ubu ntibizongera! Yakubise yongera yirukana abamukurikira mukubahemukira no kubateramwo ivyiyumviro vy’ibitero, kugwana no gusahura kugirango ubutunzi, imbohe n’abaja bihinduke ivyo kubatunga vyabo.

Inyuma y’ibitero vyambere ubutunzi bwasahuwe ntibwari bwinshi. Kubw’ivyo Muhamedi yahinduye impfungwa n’imbohe abidegemvya igihe gusa imiryango yabo yemeye gutanga impongano, cane cane amafaranga yamanya Yugoslavia. Yari azi abadandaza bose bibihangange n’ubutunzi bwabo. Yisunze ubutunzi bwabo, yarabaka impongono.

Ikindi cinjiriza aba Islamu cari imiryango y’abayuda b’i Medina ari na bo basuzugura bakagenda bakengera Muhamedi. Yatumye umwe muri iyo miryango ugwana n’uwundi. Gutyo aca arabirukana kandi anakuramwo umuryango umwe umwe w’abayuda i Medina. Bica bituma impunzi z’i Maka zironkera amazu n’imirima i Medina. Aba Islamu baca bacika abatunzi kubwo kwirukana abayuda!

Muhamedi yaronka ibice 20% vy’ubutunzi bwose (Sura al-Anfal 8:41) kugira ngo arihe ivyo ikibano yarimwo categeka n’impembo y’abasirikare yaba yarungitse. Igice c’ubwo butunzi caba cashizweho kubwa “Allah n’umuserukizi wiwe” kiracariho kugera n’uno musi kivuye “munyungu” ziva mu butare n’agataka nk’imaragarita n’igitoro. Ibihugu vy’aba Islamu bishora ibitoro hanze vyahindutse vyarutura kubera igiciro c’ibitora caduze kurugero rwo hejuru kuva 1973. Icagatanu c’inyungu yava mugitoro catumwe habaho inagurwa rya Islamu kw’isi yose! Amategeko y’urudandaza rwa Muhamedi aracafise ububasha gushika n’uno musi!

Iyo aba Islamu bagiranye amasezerano n’amahinguriro akomeye nka Daimler-Chrysler, Krupp, Fiat na Longhead, umusesekara w’itunga ryabo bawushira mu bihugu vy’Uburayi. Mugihe runaka, umusesekara w’amafaranga yavuye mubitoro ubashiriraho paradizo nkaho ari guca imigani n’ibitito mw’ijoro. Haciye igihe, igiciro c’ibitoro caramanutse gushika naho icagatanu c’ivyo binjiza bisubira hasi. Uko intambara yakomera niko n’ibiciro vy’ibitoro vyaduga nk’ukugwira kw’ibisasu ruhonyanganda.

Abadandaza benshi bo mu buraruko no mu burengero kimwe n’abanyapolitike bo mu bihugu vyose vy’isi baza kuraba ibitoro vyabakuru b’imisigiti. Boshoboye guhanurwa neza iyo bazakwiga amategeko kislamu y’urudandaza kandi bokwigishijwe ubwabo cane bagize ukwihangana. Aba Islamu babijejwe baramaze kumenya ko mw’isi yose bafatwa nk’abami bahambaye. Ntibirigwa barindira abigishwa mva Burayi canke bava muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Ihiganwa mu buseruko no mu burengero, mu bumanuko no mu buraruko ryahindutse amabi mu kutubahirizwa. Hatangwa igiturire ndenzarugero. Isoko ryo mubuseruko rifise amategeko, imico n’ingingo ngenderwako yaryo. Harahiriwe umuntu akorana n’imvukira.

6.13 -- Ntawusaba abami babiri!

Yesu Kristo ntiyigeze ahishura itegeko ry’urudandaza canke uburyo bwo kwinjiriza amafaranga ishengero ryiwe. Ntiyigeze ashaka kugabanganya amatongo abantu (Luka 12:13-14). Ntiyaha agaciro amahera. Yabaho kubw’ijambo:

Aranyishura, ati ngiri ijambo Uhoraho atumye kuri Zerubabeli, ati Si kubw’inkomezi, ni kubwa Mpwemu wanje, nik’Uhoraho Nyen’ingabo agize (Zekariya 4:6).

Yesu yihinduye umuntu biciye mu kwicisha bugufi no kuba umworo vyiwe. Ntiyigishije ivyo gutanga ikori ry’idini. Yahuje abantu n’Imana mu gupfa mu gishingo cabo ku musaraba (2 Ab’i Korinto 5:19). Yahaye Mpwemu Yera abamukurikira yongera abahindura bashasha (2 Ab’i Korinto 5:17). Yababwiye ati:

Ntawusaba abami babiri: Kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kuri umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga (Matayo 6:24).

Yesu yigishije abigishwa biwe kumera nk’abana bato ariko kandi bagakora uko bashoboye kugira bamenye ko Imana Mushobora vyose izobitwararika. Isengesho ry’Umwami wacu riguma ari inkinzo y’urufatiro rw’abizera imisi yose (Matayo 6:9-13).

Abantu bagerageje gushira Yesu muvya Politike, yabishuye:

Rero ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana (Matayo 22:21).

Ariko kuri Pilato abivuga avyeruye:

Ubwami bwanje s’ubwo muri iy’isi…Iki nico navukiye, kandi iki nico canzanye mw’isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ukuri wese yumva ijwi ryanje (Yohana 18:36a+37b).

Muhamedi yari umudandaza. Yashaka gufatanya Allah n’ububasha bw’amafaranga. Aba Caliph biwe bubatse ubwami bukomeye. Ariko Yesu yatumye abigishwa biwe atakigwanisho canke amafaranga (Matayo 10:7-10), ariko yabahumekeyeko Mpwemu Wiwe (Ivyak 1:8). Urukundo rwiwe rwahinduye inyifato n’imigenzo y’ica gatatu c’abantu bari kw’isi. Ariko Muhamedi yirundanirijeko ica gatanu c’ababa kw’isi ngo baze kuri Allah akoresheje amahera n’ubutunzi! Ubushobozi bwa Kristo bushinze imizi mu maraso yiwe y’igiciro na Mpwemu Yera. Uno musi ayo mashengero yose ari ku migabane yose yo kw’isi. Ni irihe rizogira inkomezi: Impwemu yo guca bugufi ya Kristo canke ubushobozi bw’ibitoro vya Muhamedi? Iki kibazo kiguma ari akananira bahinga ku bantu bose! Yesu yishura ati:

Hahirwa abatekereza, kukw’aribo bazoragwa isi (Matayo 5:5).

6.14 -- UTUBAZO

Mwene Data musomyi!

Nimba wize aka gatabu neza cane, ushobora kwishura vyoroshe ibi bibazo bikurikira. Uwo wese yokwishura ku bice 90% ibibazo vyose biri muri utu dutabu indwi uko biri neza, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo ruvuye mu kigo cacu ku bijanye

N’inyigisho zo ku rwego rwo hejuru
mu gutahura imizi ya Shari’a muri Korowani

nko gutera intege uwo wese azobandanya akora igikorwa ca Kristo. Vyoba vyiza cane hamwe munyishu zawe woza urashiramwo imirongo yo muri Korowani.

Intangamarara:

  1. Mbega imbere yo gutangura ibikorwa vy’idini, Muhamedi yari asanzwe akora iki?
  2. Mbega kubwa Korowani, Allah akwiye gufatwa gute?
  3. Ni hehe handitse muri Korowani ko idini ari urudandaza rukingiwe?
  4. Ni gute intambara nyeranda iboneka nk’igikorwa c’urudandaza na Allah?

Igice ca mbere:

  1. Ni irihe tegeko ntabanduka kuri buri mu Islamu iyo atanguye igikorwa c’urudandaza?
  2. Iri tegeko rikoreshwa mu bihe bice vyo mu muryango w’aba Islamu?
  3. Ni ryari iri tegeko ridakoreshwa ?
  4. Ni gute iki cagumye ari nk’itegeko shingiro mu rudandaza mu muryango w’aba Islamu (Umma)?

Igice ca kabiri:

  1. Kuki Muhamedi yasavye aba Islamu kutabesha mu rudandaza rwabo incuro nyinshi muri Korowani?
  2. Mbega kubeshera mw’isoko bishatse gusigura iki muvy’ukuri?
  3. Ni ibiki abadandaza b’aba Islamu bakwiye kureka mu kubesha iyo bariko barakora urudandaza rwabo?

Igice ca gatatu:

  1. Kuki aba Islamu bataroderanako inyungu?
  2. Mbega abatari aba Islamu boba bafatwa ugutandukanye mw’isoko n’aba Islamu?
  3. Ni iyihe nkomoko y’impwemu y’ubuhemu muri Korowani?
  4. Ni gute aba Islamu b’ukuri bakorana n’abadandaza b’abizigirwa b’abakristo?

Igice ca kane:

  1. Kuki ivyabona bibiri vy’aba Islamu b’abagabo aribo bitera umukono muri sentare ku masezerano?
  2. Mbega Muhamedi yerekanye ko ivyabona vy’abizigirwa umuntu abironka gute?
  3. Kuki icabona kimwe c’umugabo gishobora gusubirizwa n’ivyabona bibiri vy’abagore?
  4. Ni ingorane ki ishobora gushikira icabona c’umwizigirwa?

Igice ca gatanu:

  1. Ni iyihe nyifato y’umu Islamu w’ukuri kuvyo gutera umukono ku masezerano?
  2. Mbega gufata Allah nk’uwushigikiye abatera umukono ku masezerano bisigura iki?
  3. Kuki Muhamedi yise abatizera barenga ku masezerano ngo ni “ibikoko bibi”?
  4. Ni ryari umu Islamu afise uburenganzira bwo kurenga ku masezerano ubwo nyene?

Igice ca gatandatu:

  1. Mbega indahiro zurutavanako zinyegeza ibiki mu muryango w’aba Islamu?
  2. Kuki Allah atitaho amajambo y’ubusabusa mu gihe co kurahira kw’aba Islamu?
  3. Ni irihe tandukaniro riri hagati y’indahiro y’igihutihuti n’uwuyizana?
  4. Ni ikihe gihano umu Islamu wese arenze indahiro ahabwa?
  5. Ni mu bihe bihe Allah yategetse Muhamedi n’abandi ba Islamu bose kurenga ku ndahiro zabo?

Igice c’indwi n’ic’umunani:

  1. Ni ikihe gikorwa nyamukuru c’umuntu wese aronka ingurane canke amahera abikije?
  2. Kuki Muhamedi yagwanye incuro nyinshi kugira aronke inyungu cane cane zo mu mahinguriro?
  3. Ni gute i Banki y’aba Islamu ishobora gukora?
  4. Kuki Muhamedi yatahuye Islamu nk’iyashizweho na Allah?

Igice c’icenda:

  1. Kuki Muhamedi yateye intege abamukurikira ngo bahe ingurane nziza Allah?
  2. Ni iyihe mpembo yasezeranye abo batanga bazoronka ivuye muvyo batanga?
  3. Kuki Muhamedi yasavye n’indyarya hamwe n’abayuda ngo batange ingabire kuri Allah?

Igice ca cumi:

  1. Kuki Muhamedi yagwanya imigwi y’abadandaza b’i Maka?
  2. Ni gute yagabanganya ubutunzi bwasahuwe mu ntambara?
  3. Islamu isigura gute gufata imbohe?
  4. Mbega iyirukanwa ry’abayuda i Medina ryazaniye iki impuzi z’aba Islamu b’i Maka?

Igice ca cumi na rimwe :

  1. Ni ikihe kintu ngenderwako dusanga mu gitabu ca Zekariya ?
  2. Kuki Yesu yavuze: "Ntukarahire!"?
  3. Mbega iri jambo risigura iki "Ntawusaba Imana n’amafaranga!"?
  4. Kuki Yesu atigishije ivy’ikori ry’idini?
  5. Ni bande bazoragwa isi?

Mukwishura ibi bibazo Umuntu wese ararekuriwe gukoresha ibindi bitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu mu nyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagukomeza, akagutuma, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwose!

Abo musangiye umurimo,
Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:
info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 25, 2022, at 03:45 PM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)