Home
Links
Contact
About us
Impressum
Site Map?


Afrikaans
عربي
বাংলা
Dan (Mande)
Bahasa Indones.
Cebuano
Deutsch
English-1
English-2
Español
Français
Hausa/هَوُسَا
עברית
हिन्दी
Igbo
ქართული
Kirundi
Kiswahili
മലയാളം
O‘zbek
Peul
Português
Русский
Soomaaliga
தமிழ்
తెలుగు
Türkçe
Twi
Українська
اردو
Yorùbá
中文



Home (Old)
Content (Old)


Indonesian (Old)
English (Old)
German (Old)
Russian (Old)\\

Home -- Kirundi -- 01. Conversation -- 4 Titles of Christ
This page in: -- Arabic? -- Cebuano -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Hausa -- Igbo -- Indonesian -- KIRUNDI -- Russian -- Somali -- Telugu -- Ukrainian -- Uzbek -- Yoruba

Previous booklet -- Next booklet

01. Ikiganiro n’aba Islamu kuvya Kristo

4 - AMAZINA YA KRISTO MURI KOROWANI NA BIBILIYA

Korowani ifise imirongo yababa 100 ivuga ivya Kristo. Aka gatabu kerekana ibibazo bikurikira: Ni ayahe mazina atandukanye ya Yesu muri Korowani? Yokoreshwa gute mu kuganira ivya Kristo n’aba Islamu? Atandukanye gute n’amazina ya Kristo muri Bibiliya?



4.01 -- AMAZINA YA KRISTO MURI KOROWANI NA BIBILIYA

Abasoma Bibiliya bashobora gusangamwo amazina 250 y’icubahiro n’uburanga vya Yesu. Umuntu yize Korowani ashobora gusangamwo amazina 25 y’icubahiro n’uburanga bihabwa “Isa” nk’izina ki Islamu bafatiye kubutumwa Bwiza. Inzira nyayo yofasha mu kuvugana n’aba Islamu ni ugukoresha insiguro y’amazina ya Kristo muri Bibiliya uyakoresha ku mazina y’icarabu y’umuhungu wa Mariya kugira ubasigurire ko Umwana w’umuntu ariwe Mwana w’Imana nk’uko Yesu ubwiwe yabisiguye. Uwo wese yokwiyumvira ko ashobora kuganira n’aba Islamu adakoresheje amajambo ya Korowani mu carabu, azokwisanga mu ngorane zo kuvugana nabo mu mvugo badatahura.

4.02 -- Isa canke Yesu?

'Isa, izina ryitirirwa Yesu muri Islamu, riboneka incuro 25 muri Korowani. Yamara Isa si Yesu kuko mu gitabu c’aba Islamu dusanga yaratswe Ubumana bwiwe. Kubwa Korowani Yesu ntiyapfiriye kumusaraba. Ntan’umwe azi impamvu Muhamedi yahisemwo izina “Isa” mu kibanza ca “Yesu”, kuko mu rurimi rw’icarabu izina Jasu’u ryarakoreshwa kuva kera mu bitabu vy’abakristo b’abarabu ari irya Yesu.

Abaherezi b’aba Orthodox bavuga ko ijambo “Isa” riva mu mvugo y’Igisiriya aho mu kigiriki risigura Yesu. Abandi ba Islamu bavuga ko Muhamedi yahinduye urudome rwa mbere n’urwanyamu rw’izina ry’icarabu Jasu’u aca arikuramwo Isa. Hisunzwe imigenzo imw’imwe y’Abanyafrika, ubu nibwo buryo bavuma abantu baryise. Kazinduzi Lisan al-Arab itanga iyi nsiguro mu kwerekana inkomoko y’ijambo “Isa” (Ais) ko risigura “” Imbuto zibibwe ku musozi” zishobora kuba ishano ryica ikibiriraho.

Benshi mu bakristo b’abarabu ntibakoresha izina “Isa” iyo bariko baraganira n’aba Islamu, n’ubwo abajanabutumwa bavuye mu bindi bihugu bavuga bashimangiye ko hadakoresheje izina “Isa” aba Islamu bibagora gutahura ko baba bariko baravuga Yesu. Maze bakagerageza gukoresha insiguro y’izina rya Yesu muri Bibiliya bakaryita Isa muri Korowani.

Dukwiriye kwibuka kandi ko izina rya Yesu riboneka incuro 975 mw’Isezerano Rishasha. Niryo zina risumba ayandi yose, izina ry’Umwana w’Imana kandi rikoreshwa kenshi. Vyoba vyiza kandi kuba Islamu mu gihe izina “Yesu” Umuhungu wa Mariya ryari guhishurwa mu buryo bubiri (Wahi) nk’ubwa mbere kuri Yosefu we yari umurezi (Mat 1:21), hanyuma Mariya nyina wiwe abibwiwe na Malayika Gaburiyeli (Luk 1:31; 2:21). Umumalayika kandi yatanze insiguro y’iri zina ko ryatoranijwe ibihe vyose: "Kukw’ariwe azokiza abantu biwe ivyaha vyabo" (Mat 1:21).

Abantu bazi igiheburayo bashobora gusanga ko izina rya Yesu rishinze imizi mw’Isezerano rya Kera incuro 281 rifitaniye isano n’izina ry’Imana "Yahweh": Incuro 68 amazina ajanye n’agakiza n’ubufasha bwa Yahweh, Jambo incuro 213, aho Yahweh ubwiwe ariwe akora akongera agakiza. Iyo nsiguro n’intumbero y’izina rya Yesu yari yategekanijwe ibihe bidashishira nk’uko umwanditsi Carol yanditse ivy’ivuka rya Yesu yavuze "Kristo, Umucunguzi yatuvukiye!"

Ijambo Umucunguzi (Soter) mu kigiriki naho biri uko risigura uwurengeye kuba umucunguzi wo gukura isi mu bukene n’urubanza rw’Imana. Ryari izina ry’icubahiro ryahawe Augustin, umwami w’Umuroma yashizwe hejuru nk’uwazanye amahoro mw’isi amaze gushiraho ubutegetsi bwiwe biciye mu ntsinzi yaronse.

Gaburiyeli yasiguriye Yosefu ko ingorane nyamukuru abantu bafise ari ivyaha vyabo. Bidutandukanya n’Imana. Kuko Yesu, Umwagazi w’Intama w’Imana, yiremetse ivyaha vy’abari mw’isi kandi aduhuza n’Uwera biciye mu kwitanga kw’ikimazi c’incungu ku musaraba. Urukundo rwiwe rwatumye ashitsa itego rya Pasika mukurisubiriza urupfu rwiwe. Amaraso yatumye tuba abidegemvya bakuwe mu vyaha, Satani n’uburake bw’Imana (Sura al-Saffat 37:107).

Aba Islamu ntaco bazi kuvy’agaciro k’izina rya Yesu n’ububasha bwiwe butangaje. Dukwiriye gusaba ubwenge n’uburongozi bwa Mpwemu Yera iyo tuvugana n’aba Islamu kugira dushobore kubabwira insiguro yuzuye y’izina rya Yesu, gutyo bitume bava mw’ibohero rya Satani ariryo Islamu ngo babe abidegemvya, mbere bemere no kubabarirwa ivyaha vyabo vyose bashima. Kuko agakiza ka Yesu ari akabo nabo (Yohana 19:30). Ni mureka dukunda Yesu, gutyo bitumen aba Islamu bagenda bamubonera no mu ntege nke zacu.

4.03 -- Kristo – Uwasizwe amavuta

Izina rikoreshwa kuri Yesu muri Bibiliya ni: Uwasizwe amavuta, bisigura Mesiya canke Kristo. Izina Yesu riboneka incuro 569 mw’Isezerano Rishasha, incuro 11 muri Korowani. Ijambo ry’icarabu al-Masih rikomoka mw’ijambo “Guhanagura” canke “Gusiga amavuta”. Kuko iyo nsiguro igoye cane, ntamu Islamu n’umwe azi ko al-Masih risigura “Uwasizwe amavuta”.

Dushobora kubasigurira mu kubereka ko mw’Isezerano rya Kera abami, abaherezi n’abavugishwa n’Imana basigwa amavuta nk’ikimenyetso c’uko Umwami w’amasezerano abahaye ubushobozi n’ububasha biciye muri Mpwemu Yera ngo bashobore kurangura ibikorwa vyabo. Yesu ubwiwe yatanze insiguro y’izina ryiwe ry’icubahiro i Nazareti: “Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, nico catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe…” (Luk 4:18-19)

Ntawoshobora gusobanura iri zina “Kristo” kurusha Kristo ubwiwe. Yarishize hamwe n’Ubumwe bw’Ubutatu bweranda nk’ “Umwami, Mpwemu Nawe ubwiwe”. Yasiguye kandi ko ugusigwa amavuta na Mpwemu Yera gusifise intumbero imwe yisa: Kubwira aboro ubutumwa bwiza ko imitima yabo ibohowe.

Bibiliya yerekana ko Yesu Kristo ari Umwami w’abami, umuherezi ahoraho, Jambo w’Imana yihinduye umuntu. Ni Umwami nk’uko Isezerano Rishasha ribitwizeza incuro 216! Afise ububasha n’ubushobozi bwose mw’ijuru no mw’isi. Izina “Umwami” rya Kristo ntaho worisanga muri Korowani. Muhamedi yashimangiye ko aba Islamu badakwiye kwemera umwana w’umuntu ko yoba Umwami. Ubumana bwiwe burahakanwa vyivuye inyuma (Sura Al 'Imran 3:64; al-Ma'ida 5:17,31; al-Tawba 9:30,31...). Mbega aba Islamu boba babona ukuba Umwami kwiwe mu kwizera kwacu?

Ay’amazina atatu muri Bibiliya: Yesu, Kristo, Umwami, yose hamwe agize ibice 65%vy’amazina yiwe yose ari muri Bibiliya. Uwuzi uburemere bw’ayo mazina atatu y’Umwana w’Imana, akayizera akongera akayatura, ni umukristo kandi ararekuriwe kwama ashingira intahe Yesu Luka 4:18.

4.04 -- Kristo – Intumwa yavuye kuri Allah?

Muhamedi yizera igikorwa ca “Isa” mu buryo bwa politike, aca amwita intumwa canke umuserukizi wa Allah incuro zitanu (Sura Al 'Imran 3:49; al-Nisa 4: 157,171; al-Ma'ida 5:75; al-Saff 61:6). Yamuvuze kandi incuro nyinshi kimwe n’izindi ntumwa za Allah (Sura al-Baqara 2:87,253: al-Hadid 57:27).

Umuserukizi wa Allah afise ikibanza kinini muri Korowani kurusha intumwa. Kuko intumwa ari iyo kuvuga ihishurwa ry’Umwami wayo uko ryatanzwe. Vyongeye, Umuserukizi nawe ni uwo gutanga ayo mategeko avuye ku Mana akoresheje ubushobozi! Mu gushingira intahe ukwizera kwabo, aba Islamu bavuga ko Muhamedi ari “intumwa” ya Allah, atari umuvugishwa!! Mose kariko karorero Muhamedi yarabirako. Yari umuhuza hagati y’Imana n’abantu bayo akaba yabarongora nk’umucamanza wabo. Muhamedi nawe yifashe ubwiwe ko afise ubushobozi nk’ubwa Mose co kimwe na “Isa”, umuhungu wa Mariya.

Vyoshoboka ko Muhamedi yoba yarumvise abakristo b’i Maka n’i Medina ko Yesu mu Butumwa Bwiza bwiwe yavuze ivy’Ubwami bw’Imana, ubwami bwo mw’ijuru canke akavuga ubwami incuro nyinshi (zababa 100), ariko agakoresha gake (incuro 3 gusa) ijambo ishengero ryiwe! Muhamedi yemeje ko Kristo yaje nk’umuserukizi wa Allah aje gushiraho ubwami bw’inguvu n’ububasha. Ijambo “ubwami” mu carabu rikomoka mu “kugira” (mulk) rikaba risobanura ko “Umuremyi afise ivyo yaremye vyose” (Sura al-An'am 6:75; al-A'raf 7:185; al-Mu'minun 23:88; Ya Sin 36:83). Kristo yashaka umugabane mu Bisirayeli. (Mat 21:33-46).

Muhamedi ntiyigeze amenya ko inyuma y’ukubambwa Kwa Kristo, iduzwa mw’ijuru ryiwe, n’irungikwa rya Mpwemu Yera kubariko barasenga n’ivyari bigize ubutumwa vy’intumwa vyahindutse. Mu Vyakozwe n’intumwa no mu vyete vy’intumwa habivuga uburyo bubiri kenshi vyerekeye kw’ishengero co kimwe n’ubwami! Kuva ico gihe kubijanye n’umugambi w’agakiza wari “uw’abahamagawe” bo mu nzu ya Israyeli n’amahanga yose. Naho biri uko, intumbero yo gusubiza hamwe ivyaremwe vyose ntiyasubijwe hasi n’iyubakwa ry’urusengero rwiwe kuko Yesu ubwiwe yatumye abakozi biwe, abahamagarira kuja mu mahanga yose ngo basubize mu rugo abo bose bazokwumva ijwi ryiwe.

Yamara naho biri uko, Muhamedi yatahura igikorwa ca Kristo mu nzira y’idini, igisirikare ndetse na politike. Ntiyigeze yumva ivyo Yesu yavuze: "Ubwami bwanje isi ubwo muri iy’isi; iyaba ubwami bwanje bwari ubwo muri iy’isi, abagendanyi banje baba barwanye, ngo simpabwe abayuda. Ariko noneho ubwami bwanje si ubw’ino." (Yohana 18:36-37)

Muhamedi ntiyari uw’ukuri. Ntiyigeze ashaka kwihereza Umwami Yesu Kristo yaje ava mw’ijuru, mbere ntiyanashaka no kumwishikanira kuko yerekanye “Isa” nk’intumwa y’umunyedini na politike ya Allah nk’uko nawe yari ari!

Naho biri uko, Yesu ntiyigeze agira amakenga yo kuvuga ko yarungitswe incuro nyinshi mu Butumwa Bwiza bwa Yohana, yamara agashimangira ko “Se wiwe” ariwe yamutumye atari Allah asanzwe. Muri iyi nzira aca ahishura ko ari Umwana w’Imana yuzuye ubushobozi bwose:
"Ubu nibwo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo" (Yohana 17:3).

"Nk’uko Data yantumye niko nanje mbatumye" (Yohana 20:21).

4.05 -- Kristo – Umuhungu wa Mariya

Muhamedi yacanganikijwe n’ukubona Yesu yavutse ku nkumi atagira se. Yemeye ico gitangaza ndetse yongera yita “Isa Umwana wa Mariya incuro 23 muri Korowani. Yagerageje kandi gusigura Mariya aca yemeza ko atavyaye umwana inyuma y’ubugeni (Sura Al 'Imran 3:45-47; Maryam 19:16-23...). Muhamedi yashushanije ko Jibril (Gaburiyeli) yahumekeye impwemu ya Allah muri Mariya (Sura al-Hajj 21:91; al-Tahrim 66:12). Kuri iki cemezo, Muhamedi yashaka kumenya Ubutumwa Bwiza, ariko ashiraho akarimbi mu majambo yiwe ko Gaburiyeli yavuze ko “Isa” atavutse kubw’impwemu ya Allah muri Mariya ariko yuko yaremwe. Uku ni ko yanyuranije na ndemeye y’I NICEN ivyo amashengero yose yatura:

Kristo ni Imana yakomotse ku Mana. Umuco ukomoka k’umuco.
Imana y’ukuri ikomoka ku Mana y’ukuri, yavyawe ariko ataremwe,
afitanye kamere na Se.

Muhamedi yahinddutse impwemu igwanya abakristo mu guhakana ubumana bwa Kristo (1 Yohana 2:22-25; 4:1-5).

Dusoma incuro 17 muri Korowani ko “Isa” atari Umwana w’Imana. Muhamedi yamiriye kure iciyumvire c’uko Allah ari Se wa Kristo mu buryo bw’umubiri biciye muri Mariya. N’amashengero yose yamirira kure ico ciyumviro ata makenga! Umukristo wo mu kadumbidumbi mu kigobe c’abarabu yise Mariya ngo ni “Nyina w’Imana” kandi aca avuga ko Ubutatu Bweranda bugizwe na “Data, Mariya n’Umwana” (Sura al-Ma'ida 5:116). Iyo mvugo Muhamedi yarayihakanye! Hamwe twokwemeza ihakana ryiwe mu gutahura ukutariko ivuka rya Kristo mu kuganira n’aba Islamu, twosanga igikorwa nyamukuru hagati yabo natwe coca gishobora gukurwaho.

Bibiliya ivuga isamwa ry’inda rya Kristo mu buryo bw’impwemu ndetse ko “Imana, Jambo wayo na Mpwemu wayo” ari ubumwe atawobutandukanya. Uguhushanya na Bibiliya kw’abakatolika n’aba Orthodox mu kugira Mariya nka “nyina w’Imana” bituma ikiganiro n’aba Islamu rimwe na rimwe kiba ikigoye.

Bibiliya ivuga Umwana w’Imana incuro 59. Yesu ubwiwe yemeje mu majambo ati “Ndiwe” incuro 50 Ko ariwe ubwiwe Uhoraho yiyeretse Mose mu gisaka caka umuriro (Kuvayo 3:14) avuga ati “Ndi uwo ndiwe”. Mu gihe co gufatira ingingo Ubuzima bwiwe, Yesu yemeje ari imbere y’umuherezi mukuru ko ari Kristo, Umwana w’Imana nzima (Matayo 26:63-68; Luka 22:70). Kubw’ayo majambo, bica bituma bamucira urwo gupfa. Muhamedi yiyamirije, yongera yanka intahe ko Kristo ari “Umwana wa Allah” gushika aho mbere yavumye abakristo bose babishingira intahe mu gusaba Allah ngo abice (Sura al-Tawba 9:30)!

Mu misi yo kuba kw’isi yiwe, Yesu yari azi ko uwo wese yokwiyita Umwana w’Imana muri Israyeli yaba arogose. Kubw’ivyo yishingira intahe ko ari Umwana w’Umuntu incuro 80 mu Butumwa Bwiza. Mu gukoresha iri zina yisunze ubuvugishwa muri Daniyeli 7:13-14, aho “Umwana w’Umuntu” yamugendeye mw’iyerekwa ari nk’umwami ahoraho n’umucamanza wo mw’ijuru. Ariko benshi mu bayuda batahura bisanzwe iri zina kandi bakiyumvira ko Yesu yibona ubwiwe nk’umuntu asanzwe. Yamara, niwe yaje gushitsa ivyo vyahanuwe azananye n’ububasha bwiwe bwo mw’ijuru.

Icakabiri c’imirongo ivuga Umwana w’Umuntu ishingira intahe ubwitonzi Bwiwe, ubumuntu Bwiwe, uguca bugufi Kwiwe n’ukwiyorosha Kwiwe: “Nk’uko Umwana w’Umuntu atazanywe no gukorerwa, atar’ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bwiwe kw’incungu ya benshi.” (Matayo 20:28) akoresheje iri jambo Yesu yasubije abumva ko vyose yabicuritse. Abakomeye bazocishwa bugufi., kuko n’Umwami wacu nawe yabonetse ubwiwe ari nk’umukozi w’abandi. Uwuzomukurikira wese ntazoba nk’umukoresha ariko azoba umukozi.

Ikindi gice ca kabiri kubijanye no kuba Umwana w’Umuntu gishingira intahe icubahiro Ciwe n’ububasha budasanzwe bwiwe azoba afise igihe azogaruka aje gucira imanza abantu bose: “Ariko Umwana w’Umuntu ah’azozira afise ubwiza bwiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, niho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubwiza: amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, nawe azobarobanura, nk’uk’umwungere arobanura intama mu mpene” (Matayo 25:31-32). Yesu yari umuntu, yageragejwe nk’uko natwe bidushikira, ariko aguma ata caha afise (Abaheburayo 2:17-18). Ni ukuvuga ko atahura, akiyumvamwo buri muntu wese kandi akazomucira urubanza bakwiranye.

Vyobaye vyiza cane twemeye kwigira kuri Yesu, We yanyegeje Ubumana Bwiwe aca ahishura ibanga ry’uko kwihindura kwiwe akoresheje imvugo Umwana w’Umuntu. Iri zina ryari rimwe mu mazina y’agaciro mu mitima y’abantu b’ico gihe. Uvuze Umwana w’Imana mu ntango y’ikiganiro n’aba Islamu, uzoca ubona uko azoca ahitamwo guceceka. Ariko hamwe wokwigira kuri Yesu, uzoba umunyabwenge kandi ntuzokwigera uhakana ukuri. Ariko uzogushingira intahe mu rukundo n’ubwenge hisunzwe ivyo abakwumviriza bashobora kwemera.

4.06 -- Kristo – Jambo wa Allah mu mubiri w’umuntu

Muhamedi yakoresheje amazina, ibiranga n’ibigize Kristo vyinshi muri Korowani, kugira ashobore kwigarurira abakristo muri Islamu. Yatanga imirongo akoresheje amajambo yo mw’Isezerano Rishasha kugira ngo afatwe nk’umuvugishwa w’ukuri. Yashaka kwiyegereza abakristo bo muri Abisiniya n’abarongozi bo muri Yemeni ya ruguru mu kugerageza kwigana ukwizera kwabo. Turarekuriwe rero gukoresha amajambo atandukanye yiwe ayo yakuye muri Bibiliya, tukayakura muri Korowani kugira tuyahe insiguro nyakuri yari afise mu Butumwa Bwiza nk’uko umuntu yegeranya ibikoresho vyasanzajwe kugira bigire akamaro. Ibi bishobora gufasha aba Islamu barondera kumenya ukuri kugira baronke inzira yokumenya agakiza kari muri Kristo.

Turabiye mu butumwa bwiza bwa Yohana, tubona Muhamedi yavuze incuro zine ko Kristo ari Jambo rya Allah canke ijambo ryiwe (Sura Al 'Imran 3:39,45,64; al-Nisa 4:171). Mu nyuma abatanga ivyiyumviro b’aba Islamu baciye basanga ko ayo mazina ya Kristo yabaye nk’ingorane ‘umuryango wa Islamu baca bihutira kuvuga ko Kristo ari jambo gusa “yaremwe” na Allah, ko ataho adafise ishusho nk’iy’Uwuri hejuru ya vyose. Allah, nk’umuremyi wa Kristo yari akwiriye kuvuga ati: “Baho! Kandi agaca abaho.”

Abo batanga ivyiyumviro b’aba Islamu babandanije bafata ko Korowani (Al 'Imran 3:47) irimwo ubudahangarwa bwa Allah, ubugombe bwiwe n’ububasha bwiwe.

Turafise uburenganzira bwo gusigurira aba Islamu ko no kuri Yesu ari uko. Ububasha bwose bwo kurema bwa jambo w’Imana, ububasha Bwiwe bwo gukiza, ububasha Bwiwe bwo kubabarira, imbabazi Ziwe zo guhumuriza, ububasha Bwiwe bwo gukomeza igikorwa muri We. Muri Kristo niho dusanga ibimenyetso n’ubushobozi bwose bw’ijambo ry’Imana. Ubugombe bw’Imana, ubwenge Bwayo, uburake Bwayo, urukundo Rwayo, imbabazi Zayo, ukwihangana Kwayo, ikintu cose Imana yavuze n’ico yategetse, yasezeranye n’ico yihanikirije vyahindutse ibiserukira muri Yesu. Muri we ubuvugishwa bwose bw’Imana bwabaye ego, Amen! Uwo wese ashaka kumenya ubugombe bw’Imana ategerezwa kurabira kuri Yesu: Niwe yihinduye umuntu mu guhimbara Se wiwe. Avuga ati:

“Amajambo mbabwira s’ayo nigeneye, ariko Data aba muri jewe niwe akora ibikorwa vyiwe.”
(Yohana 14:10)

"Jewe na Data turi umwe."
(Yohana 10:30)

Imvugo idasanzwe ikoreshwa muri Korowani kubijanye n’ukwihindura umuntu kwa jambo w’Imana muri Kristo yerekana ko Kristo ari jambo ry’ukuri. Ukuri n’ukugororoka biboneka nk’amazina ya Allah, rero uy’umurongo usigura ko: Kristo jambo wa Allah yuzuye ukuri n’ubugororotsi (Sura Maryam 19:34). Naho biri uko, bamwe mu batanga ivyiyumviro bagoreka iki ciyumviro kubwa Islamu, bakerekana ko ayo majambo ataco amaze ariko ko ari inyuma y’ayandi yose ntagire n’akamaro. Ariko binyuranye n’ukuri. Kristo aguma yerekana ukuri n’amategeko muri Korowani, ndetse na (Yohana 14:6). Arengeye umuvugishwa n’Imana ni jambo w’Imana yaje mu bury bw’umubiri! Ayo majambo ashobora kukubera ibikoresho bikomeye mu gushingira intahe aba Islamu.

4.07 -- Kristo – Impwemu iva kuri Allah

Irindi jambo riri muri Korowani rihushanye, rigakuraho ivyo aba Islamu bavuga kuvy’ikibanza ca “Kristo ko atari Imana” ngo n’uko ari impwemu iva kuri Allah (Sura al-Nisa 4:171). Iri jambo rivuga ko Kristo atari umuntu asanzwe nka Mose canke Muhamedi, ariko ko yihinduye umuntu impwemu iva kuri Allah. Korowani ivuga ko Allah yahumekeye zimwe mu mpwemu “ziwe” muri Mariya (Sura al-Anbiya' 21:91; al-Tahrim 66:12). Gutyo “Isa” afatwa nk’impwemu itembera mu buryo bw’umuntu. Arangije ubuzima bwiwe bwo mw’isi, yasubiye kwa Allah yambaye umubiri wiwe wo mu buryo bw’impwemu. Muri Islamu, Kristo si umuntu asanzwe, si umuvugishwa gusa asanzwe nk’abandi, ariko ni impwemu iva kuri Allah! Kubw’iri jambo, Muhamedi yatuye ko “Isa” atari mu mugwi w’abantu bakuwe mw’ivu. Ariko, ni umwana kubw’impwemu ya Allah, canke “Umwana” wa Allah mu buryo bw’impwemu- nk’uko na Korowani ibivuga!

Abatanga ivyiyumviro muri Islamu bamaze kubimenya muri Korowani baciye bagoreka mu kuvuga, basigura igihushane. Banditse bati: Vy’ukuri, Kristo ni impwemu ya Allah yaje yambaye umubiri w’umuntu ariko impwemu “yaremwe!” Impwemu yigenga ihoraho yakomotse kuri Allah, ishobora kuba iyiva mw’ijuru, ntishobora kubaho muri Islamu.

Impwemu zose za Allah zararemwe, nk’Abamalayika, abadayimoni, Gaburiyeli na Mikayeli. Kristo avugwa nk’umwe muri izi mpwemu za Allah zaremwe.

Ariko turazi ko Kristo yavutse kubwa Mpwemu ahoraho w’Imana. Uhoraho aramubwira ati: “Ur’Ubura bwanje, uyu musi ndakuvyaye.” (Zaburi 2:7) Vyongeye kandi Malayika Gaburiyeli yabwiye Mariya ati: "Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bw’Isumba vyose buzogutera igitutu: nico gituma Uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.” (Luka 1:35)

Aba Islamu bashobora kubimeya mu nyuma Umwami Hassan wa 2 wo muri Maroke yemeje igihe yari ahejeje inama i Rabat ko ata muntu n’umwe canke Ayotallah afise ububasha bwo kwiyita impwemu ya Allah (Ruhullah), kiretse “Isa”, mwene Mariya; kuko ariwe wenyene yavutse kubw’impwemu ya Allah!

4.08 -- Kristo ntiyakoze icaha– haba no muri Korowani!

Muri Korowani, igihe Gaburiyeli afatwa kandi nk’impwemu n’intumwa izana ihishurwa vya Allah yabwira Mariya ivy’ivuka rya Kristo, yamusezeraniye ko azomuha umwana w’umuhungu agororotse kandi atakosa afise (Sura Maryam 19:19). Iryo jambo ryafatiwe umwanya munini n’abatanga ivyiyumviro kuvya nditswe muri Islamu. Bamwe muri bo bandika kumugaragaro ko “Isa” yavutse atagira icaha kandi yera, ngo kubera yavyawe n’imwemu ya Allah.

Hisunzwe Muhamedi, imwe mu mico n’imigenzo y’aba Islamu yerekana ibi: Abana bose bavuka atacaha c’inyanduruko bafise, ariko bakivuka ubwo nyene Satani aca ababibamwo icaha. Niyompamvu umwana wese avutse arira, havuyemwo Mariya na “Isa”! Bari bakingiwe ngo ntibashikweko n’inkoni y’umwansi satani kubera yuko “umukenyezi Imran yari yamaze gushira umwana, Mariya n’uruvyaro rwiwe mu kuzitirirwa guhambaye kwa Allah kugira Satani ntabagireko ububasha imbere yuko bavuka (Sura Al 'Imran 3:36).

Kubera ko Kristo aboneka nk’uwihinduye jambo wa Allah muri Korowani, ntiyavyigishije gusa ariko kandi yabibayemwo. Ntatandukaniro ryariho hagati y’ijambo n’ubuzima vyiwe. Hama no muri Islamu, “Isa” yabayeho gusa ariwe muntu adafise icaha. Ubuzima bwiwe bwari ijambo riboneka rya Allah.

Kubwa Korowani, iyo Kristo aza kuba yari umunyavyaha, yari kuba yarapfuye gutyo akarindirira mu mva umusi w’urubanza wa Allah. Ariko kubwa Korowani, Allah yaduganye Kristo i We. Abana nawe. Kristo ni umwe mubegereye Allah. Aganira na Allah nk’uko umuntu aganira n’uwundi (Sura al-Ma'ida 5:116-118). Ntacaha comutandukanya n’Uwera. Kristo ni Uwera nk’uko Allah ari Uwera. Korowani ivuga neza ivyaha vya Aburahamu, Mose ndetse na Muhamedi (Sura Ghafir 40:55; Muhammad 47:19; al-Fath 48:2; al-Nasr 110:3). Ariko kuri Kristo nta kimenyetso haba no mu bijanye n’imico n’imigenzo berekana ko yoba yaracumuye, akagwa mw’ikosha canke ngo abe umunyantegenke.

Ubutumwa Bwiza butwereka ko n’abadayimoni batahura iryo banga ko Yesu ari Uwera kuko basemerera bavuga bati: “Turakuzi uwo uriwe- uri Uwera w’Imana” (Mark 1:24; Luka 4:34). Izuka rya Yesu n’ico kimenyetso cerekanye ubwa nyuma ukwera kwiwe. Iyo aza kuba yarakoze icaha na kimwe mu majambo, ibikorwa, ivyiyumviro canke mu ndoto vyiwe, urupfu rwari kumugirako ububasha. Ariko Kristo yarazutse mu bapfuye! Umugwanizi ntiyari gushobora kubera intambamyi izuka Ryiwe!

4.09 -- Kristo – Ayatollah w’ukuri

Hari imirongo ibiri muri Korowani ivuga ko Kristo na nyina wiwe bari “ikimenyetso ca Allah” kubo mw’isi (Sura al-Anbiya 21:91; al-Mu'minun 23:50). Uwundi murongo uvuga ko Umwana wa Mariya ariwe gusa kimenyetso ku bantu bose (Sura Maryam 19:21). Ijambo ikimenyetso (ajatun) risigura kandi igitangaza canke ikimenyetso c’igitangaza. Uwo wese yosoma iri jambo ikimenyetso akarifatira hamwe n’ijambo Allah aca atora iri jambo Ayatollah. Kubw’ivuka ryiwe rirengeye ivyiyumviro vy’abantu, Kristo na nyina wiwe berekanywe nk’ibimenyetso vy’ibitangaza vya Allah. Ukubaho kwabo bisangije si ikimenyetso gusa ku bakristo n’abayuda, ariko kandi no kuba Hindu, aba Budda n’abahakanyi. Kristo ni ikimenyetso ca Allah ku bantu bose. We na nyina wiwe ni ibimenyetso bihambaye bishika kuvyo mw’ijuru na gihenomu kubera Korowani ivuga yuko ikimenyetso ca Allah ku bantu bose kibonekera mw’isi ndetse no mu bihe bizoza!

Kristo ni Ayatollah w’ukuri kubera ko ntayaronse iryo zina biciye mu kwiga kaminuza yamara yarihawe rivuye kuri Allah ubwiwe. “Isa” niwe Ayotallah wenyene yashizweho na Allah. Muhamedi ntiyari kwubahuka ngo akoreshe iri zina ubwiwe kubera ko se na nyina wiwe bari bazwi neza cane.

Mu butumwa bwiza; dushobora gutahura uyu murongo mu buryo butandukanye. Yesu yavuze ati: “Ubonye jewe aba abonye Data” (Yohana 14:9). Umwana wa Mariya niwe shusho y’Imana itaboneka, umumenyekanisha w’icubahiro Cayo n’umuco ku bari mw’isi. Niwe kimenyetso Imana yahaye abantu bose. Yujuje intumbero nyamukuru y’ivyaremwe: Nukw’Imana irema umuntu mw’Ishusho yayo, mw’ishusho y’Imana niho yamuremye; irema abantu bari uburyo bubiri (Itanguriro 1:27). Gushika ubu ntu muntu n’umwe arubahuka ngo avuge: Ubonye jewe aba abonye Imana, kiretse Yesu gusa, Umwana w’Imana kuko ariwe ari kumwe na Se aba muri We (yohana 17:21-24). Ashaka kuduhindura ngo tube ishusho Yiwe bwite. Ikibitubuza ni ivyaha vyacu nk’uko Paulo yanditse: “Bose bakoze ivyaha ntibashikira ubwiza bw’Imana” (Abaroma 3:23). Yesu ashaka kudukurako ivyaha vyacu ngo tubeho tutagira agasembwa (1 Yohana 3:1-3). Intahe y’ubuzima bwawe ishobora rimwe na rimwe kugirira akamaro kanini aba Islamu kurusha amajambo yawe.

4.10 -- Kristo- Imbabazi za Nyenimbabazi na Nyenimpuhwe!

“Isa” yitwa muri Korowani imbabazi za Allah (Sura Maryam 19: 21). Muhamedi yarumvise ibitangaza Yesu yakora ko yakiza impumyi n’abanyamibembe, akazura abapfuye mbere akazanira n’imfungurwa abigishwa biwe ziturutse mw’ijuru. Kubwiwe, Yesu yihinduye umuntu w’imbabazi za Allah. Uy’umurongo uhungabanya rwose abarimu b’aba Islamu bigisha Korowani. Bamwe muri bo bavuga bati: “Allah ni Nyenimbabazi zose (al-Rahman), Mpwemu Yera ni impuhwe (al-Rahim) Kristo nawe ni imbabazi (al-Rahmat).” Umwana wa Mariya afise muriwe akaranga ka Allah. Iyo mpwemu iri muri bose.

Uyu murongo wanditse mu carabu mu bwinshi. Allah avuga ko Umuhungu wa Mariya ari imbabazi zituruka kuri “twebwe”. Kubw’ivyo, bamwe mu barondera kumenya ukuri bavuga ko “Kristo ari imbabazi wa Nyenimbabazi na Nyenimpuhwe”, ibica vyemeza mu buryo butaboneka neza muri Korowani Ubumwe bw’Ubutatu Bweranda.

Ariko Muhamedi yashatse guhagarika iyi nsiguro, aca yiyita imbabazi za Allah muri Korowani! Mbega ni gute imbabazi za Allah zari kubonekera mu buzima no mu bikorwa vya Muhamedi? Imirongo yiwe yose muri Korowani, imico n’imigenzo vyose hamwe bigize Shari’a, itegeko rya Islamu. Yisunze itegeko ryiwe, yagerageje gushiraho n’ukwerekana ubuzima bw’abamukurikira mw’isi ndetse no mu bihe bitazoshira. Naho biri uko, itegeko ryose rizana indyane no gushavuriranira. Nta muntu n’umwe yokwubaha itegeko uko rimeze ibihe vyose. Itegeko ry’aba Islamu niryo rizobatsinda. Muhamedi yategetswe kuvuuga ko aba Islamu bose bategerezwa kuzoja muri gihenomu (Sura Maryam 19:71-72).

Yamara naho biri uko, Yesu ntabwo yazanye itegeko rishasha gusa ariko kandi yaduhaye imbabazi ngo tubabarirwe. Yaduhaye kandi ububasha bwo gushitsa itegeko ry’urukundo rwiwe. Yadushiriyeho uburenganzira bwo gucika abana b’Imana, yongera ashira ubugingo budashira bwiwe muri twebwe. Imbabazi za Allah zibonekera mu buzima bwa Muhamedi ni itegeko gusa kandi bizorangira ritsinze aba Islamu bose. Imbabazi z’Imana muri Kristo Yesu zozo ni ugutsindanishirizwa n’ubuntu bifatanye n’imbaraga za Mpwemu Yera, bidushoboza gushitsa itegeko rishasha rya Kristo tubiherewe ubuntu gusa!!

4.11 -- Ubwiza bwa kristo bungana gute muri Korowani?

Muri Sura Al 'Imran dusoma ko “Isa” yari umwe muri beza (3 :46). Muri Sura al-An'am dusoma kandi ko Aburahamu, Isaka, Yakobo na Mose bari mubagororotsi, co kimwe na Dawidi, Salomo, Yobu, Yosefu, Mose na Aroni. Zakariya, Yohana, Yohana umubatizi na “Isa” bari mu rutonde rw’abo bitwa “abeza” (6:83-85). Kuba mwiza muri Korowani ntibisigura kubaho utagira icaha, ariko ni ukubaho uri umu Islamu atinya Imana.

Yesu yashizeho rimwe iki kibazo hamwe yishura umusore w’umutunzi ati: “Nta mwiza, atar’umwe, niwe Mana” (Mariko 10:18). Uwo musore yari ahamagaye Yesu ati mwigisha “mwiza”. Yesu yashaka ko atagumana ivyiyumviro vyo kumwita mwiza mu buryo bw’idini ry’abantu, gutyo aca asobanurira uwashaka kumenya ukuri ko urukundo nyakuri rw’Imana arico gipimo rutuma umuntu aba mwiza. Twese ntidutunganye, turi babi kandi ntitugororotse- kiretse Yesu wenyene! Yashaka gufasha uwo musore ngo amumenye, anature ko Kristo ari “mwiza”, Imana mu buryo bw’umubiri, urukundo rw’ukuri mw’ishusho y’umuntu.

Yamara Muhamedi yahakanye ukwo kuri aca yita Yesu gusa umwe mu beza. Mu kuvugana n’aba Islamu vyoba vyiza tubafashije kutabifata mu buryo bw’abantu tukaberekeza ku rukundo rw’ukuri rw’Imana rwo gipimo conyene c’ukuri. Iyo umuntu avuze ko ari mwiza, canke ko ari umu Islamu mwiza, dushobora kumubaza tuti: “Mbega woba uri mwiza nk’uko Allah ari? Azoca abihakana, nawe aho nyene ushobora guca umwereka ukudatungana kwiwe ko ari nk’icaha.

4.12 -- Kristo – Uwicisha bugufi kandi agororotse

Muri Sura Maryam 'Isa yiswe, "umweranda, yumvira nyina wiwe. Kandi ntiyangize umunyagitugu cyangwa ngo angire umunyabyaha" (Sura Maryam 19:32). Ivyo biranga Yesu muri Korowani nivyo vyerekana ukuri kw’ukwo ari. Kristo ntatunganye canke ngo agororoke gusa, ariko kandi niwe atsindanishiriza akaba n’Ukwera kw’Imana kubonekera muriwe. Muri iyi mvugo, hari ibintu vyinshi biri muri Korowani biranga Yesu.

Muhamedi yatahuye ko “Isa” atari uwuhambaye, atinywa na bose (jabbar), uwutoshobora kuneshwa (qahhar) nk’uko Allah ari muri Islamu, ariko atahura ko aciye bugufi kandi yiyoroheje mu mutima. Ntiyakoresheje inguvu ngo ashike kuvyo yipfuza. Ntiyagiye mu ntambara nimwe nk’uko Muhamedi yabikoze incuro 29. Yategetse Petero: “Subiza inkota yawe ahayo; kukw’ababanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota.” (Matayo 26:52). Yahisemwo gupfira abansi biwe hako abica. Kristo ni umunyarukundo, yuzuye imbabazi n’impuhwe. Afasha abagowe n’abagwaye kandi yiyegereje ubwa mbere abatunzi ngo abaganze. Yavuze: “Ni muze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe, ndabaruhura; mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko ndi umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. Kukw’ingata yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse” (Matayo 11:28-30).

4.13 -- Kristo – Uwahezagiwe, aho azoba ari hose

Iri zina rya Kristo muri Korowani rimugira inkomoko itagira akagero y’imihezagiro yose ya Allah (Sura Maryam 19:31). Uku kuri guhuye n’insiguro ya Bibiliya mu cete Paulo yandikiye ishengero ryo muri Efeso: “Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ariyo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw’ijuru muri Kristo" (Abanyefeso 1:3).

Imirongo yo muri Korowani ijanye na Kristo uwahezagiwe yatumye aba Islamu bo mu buhindi, Pakistani bafata ingingo yo kwiyegereza abakristo mu kubasaba ngo babasengere babone gukizwa na Kristo ahoraho. Muri uyu murongo, ntidusoma gusa ko Kristo ashobora guhezagira, gukiza no gucungura abari kw’isi, ariko kandi ko abishoboye no mu bihe bizoza amaze kuduga mw’ijuru. Abakristo bo muri Aziya ntibihutiye kwumviriza aba ba Islamu ahubwo babishuye bati: “Amasengesho yacu ntaco aza kubamarira shiti mwemeye kwizera Kristo, mu kihana ivyaha vyanyu ndetse mu gasaba Kristo ngo abaharire.” Abo ba Islamu kuko bashaka uwobatabara baciye bishura ningoga bati: “Turizeye Isa, impwemu ya Allah yaje yambaye umubiri, agakiza abagwaye, akazura n’abapfuye. Ashobora no gukiza uno musi, kuko abana na Allah, agahezagira uwo wese aje kuriwe.” Kandi Yesu Kristo mu guhesha agaciro ukwizera kw’aba Islamu benshi, yaciye abakiza ingorane bari bafise. Muri we niho ukunengesera kwose kw’imbabazi kuri. Afise inkomezi z’Imana. Uwo wese amwizeye, akagira ukwizera nk’ukw’agatete ka sinapi, akavuga ati: Ngirira ikigongwe! Ashobora kuba mu buzima bwo kubabarirwa n’ubw’umuhezagiro w’Umwami n’Umukiza wacu ahoraho.

4.14 -- Mbega “Isa” yoba ameze nka Adamu?

Muhamedi yerekana “Isa” mu mazina atandukanye incuro 25 muri Korowani. Menshi muri ayo mazina aha icubahiro Umuhungu wa Mariya kurenza urugero, ndetse akamushira hejuru y’abavugishwa n’Imana n’intumwa zose zabayeho. Naho biri uko, Muhamedi yashingiye intahe ubwo buntu bwa Kristo kugira ashobore kwikwegerako abakristo ngo binjire muri Islamu mu kwerekana ko Islamu arico kimwe n’idini rukristo.

Kugira acange aba Islamu mu ntumbero yo kubazitirira ngo boye kuva muri Islamu baja mu bukristo, yaciye akoresha kandi “Isa” nka ngenderwako mu kuri kwa Islamu! Arangije ikiganiro c’imisi itatu I Medina yagiranye na musenyeri hamwe n’umwami w’i Wadi Nadjran bari kumwe n’abakristo bavuga ururimi rw’icarabu, Muhamedi yaranjije azanye iciyumviro ciwe kuri Kristo mu murongo atari uwo kumushira hejuru:

“Vy’ukuri, kubwa Allah “Isa” ni nka Adamu, uwo yaremye mw’ivu. Aho yamubwira ati: Baho! Akabaho. Ukuri kwagushitseko kuvuye ku mwami wawe, ntube mu bashidikanya” (Sura Al 'Imran 3:59-60)

Aba Islamu bakoresha kenshi uyu murongo mugushimangira ko “Isa” atariwe wenyene yavutse atagira se. Na Adamu, yaremwe kubw’ijambo rya Allah, ndetse na Eva akurwa muri rumwe mu mbavu ziwe. Kubw’ivyo ivuka rya Kristo ntiryofatwa nk’iridasanzwe.

Ariko ivyo bavuga nti bifise ishingiro. Kubwa Korowani, Isa ntiyaremwe mw’ivu nka Adamu canke kubw’itegeko rya Allah, yamara yabayeho kubwa Mpwemu wa Allah muri Mariya. Nk’uko Korowani ibivuga, Adamu na Eva baguye mu caha ariko “Isa” ntacaha yakoze. Adamu na Eva birukanywe muri Paradizo, urupfu rubatandukanya n’Imana. Ariko Umuhungu wa Mariya, abana na Allah nk’uko Korowani nayo ibivuga. Turavye mu gitabu c’aba Isalmu, tubona ko bitabereye kuvuga ko “Isa” ameze nka Adamu, kubera yuko Adamu yakuwe mw” ivu, ariko “Isa” akaba ari impwemu ya Allah mw’ishusho y’umuntu.

Bibiliya yemeza incuro nyinshi ko Yesu yihinduye umuntu n’igihe mbere yari akiri umwana. Yishushanije na Adamu, arageragezwa nkatwe, ariko ntiyigera akora icaha. Yesu yiyise kandi mwene wacu. Yamara abandanya ari Umwami aganza ikirere, Imana y’ukuri yavuye ku Mana y’Ukuri. Yari umwana wa Aburahamu, ndetse n’umwana wa Dawidi. Yamara naho biri uko, ni Umwana w’Imana kandi abana mu Bumwe bwuzuye na Se wiwe. Kubw’ivyo, Yesu ni umuntu yuzuye, akaba n’Imana yuzuye. Uku kwizera ntigusanzwe yamara ni ukwo mu buryo bw’impwemu. Ubwenge bwacu ntibushobora kubitahura shiti bumurikiwe na Mpwemu Yera! Dutegerezwa kwihanganira aba Islamu igihe batazoshobora gutahura ningoga iri banga ry’uku kuri muri ubu buryo bubiri n’uku kurengera ivyiyumviro vy’abantu kwa Kristo ku ruhande rwabo. Ugusengera umu Islamu vyonezera ngo abohogwe mu gukurwa mu buja bw’iyo mpwemu igwanya Kristo ni ngirakamaro cane kuko bica biba nk’intahe twahawe na Mpwemu Yera iboneka mu gihe co gusenga.

4.15 -- Kristo – Umuja wa Allah?

Muri Korowani, “Isa” yivuga ko ari “umuja wa Allah” (Abdullahi)" imwe mu mvugo zibiri zakoreshwa akivuka (Sura Maryam 19:30). Incuro nyinshi, Muhamedi yise “Isa” iryo zina (Sura al-Nisa 4:172; Maryam 19:93; al-Zukhruf 43:59). Icinyegeje inyuma y’ivyo vyose, n’uko yashaka gukuraho burundu ubumana bwa “Isa” mu bwenge bw’aba Islamu biwe.

Mu kumusubiza hasi, Muhamedi yashize Kristo mu kibanza c’isezerano ry’Imana kuvy’umukozi wayo dusanga muri Yesaya igice 40 gushika mu gice ca 66. Ijambo ryose ryahishuwe ngaho kuvy’umukozi w’Imana rishobora gusigura “Isa nk’umushumba wa Allah. Ukwo kuvugwa kw’umwe yakengerwa nk’uko biri muri Yesaya 53:4-12, akiremeka ivyaha n’igihano vyacu- bishobora kubera umuco aba Islamu. Muri ico gisomwa ntaho dusoma ijambo “Umwana w’Imana” canke “umusaraba”. Kubw’ivyo, aba Islamu bashobora kwemera no gutahura iri sezerano ry’umuja w’Imana. Intumwa Paulo yerekanye iryo sezerano ridasanzwe ryo muri Yesaya 53 mu gushemagiza Kristo mu cete ciwe yandikiye ab’i Filipi ko ryashikijwe muriwe: “ariko yisiga ubusa, yabira ishusho y’umugurano, acika usa n’abantu. Kand’abonetse afise ishusho nk’iy’umuntu, yicisha bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu rwo ku musaraba. Nico catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose: Kugira amavi yose az’apfukame mw’izina rya Yesu, ay’ivyo mw’ijuru n’ay’ivyo kw’isi n’ay’ivy’i kuzimu, kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ar’Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro (harimwo na Muhamedi!).” (Ab’i Filipi 2:7-11)

4.16 -- 'Isa – Umuvugishwa, kubwa Korowani

Muhamedi yakomeje kugira umuhungu wa Mariya umu Islamu ndetse rimwe akamwita umuvugishwa (Sura Maryam 19:30). Ubwa mbere, akaba yamuvuze incuro zitanu nk’umuserukizi na jambo wa Allah. Ariko mu kumuvuga nk’umuvugishwa, yashaka ko werekana neza ko “Isa” ataho ahwaniye nawe. Ata gukekeranya, yashaka kwigereranya na Kristo.

Korowani yerekana abavugishwa n’Imana benshi uhereye mw’Isezerano rya Kera mu mazina. Mu mico n’imigenzo y’aba Islamu, Muhamedi avuga abavugishwa ba Allah 200,000 ariko atari mu mazina yabo. Bazana ubutumwa bwiza buvuye kwa Allah (Sura al-Baqara 2:213; al-An'am 6:61) bakamenyesha n’urubanza rwiwe (Sura al-Baqara 2:213). Barahamwa bakongera bakicwa (Sura al-Baqara 2 :61,87,91 ; Al 'Imran 3 :21, 112,113,181,183; al-Nisa 4 :155, 157 ; al-Ma'ida 5 :70). “Kubwa Korowani, Isa” yageze ikirenge mu cabo (Sura al-Ma'ida 5 :46).

Izina rya “Isa” nk’umuvugishwa riduha akaryo ko gutangura gushigira intahe Kristo duhereye mu Butumwa Bwiza : “Ntimugire ngo naje gusenyura ivyagezwe cank’amajambo y’abavugishwa n’Imana. Sinaje kubisenyura, naje kubishitsa. Ndababwire ukuri, Gushitsa ah’ijuru n’isi bizoviraho, nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizovaho ku vyagezwe, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa" (Matayo 5 :17-18).

Ikibanza ca “Isa” nk’umuvugishwa muri Islamu, gishobora kudufasha gutsinda ikirego c’aba Islamu kivuga ko Isezerano rya Kera ryahinduwe !

4.17 -- Yesu ni muzima – ari hafi ya Allah!

Mu buryo butamenyerewe, Muhamedi ntiyari gushobora guhakana ukubaho kw’ibihe bidashira kwa Kristo. Yashinze intahe incuro zibiri ko Allah yamuduganye iwe (Sura Al 'Imran 3 :55 ; al-Nisa 4 :158). “Isa” kandi afatwa nk “umwubahwa wo hejuru ubu no mu gihe kizoza kandi akaba “umwe mu begereye Allah.” Muhamedi yari indyadya. Ahejeje gusigurira abakristo ko “Isa” atapfiriye k’umusaraba, yababwiye ko Allah yaciye amujana iwe mu majuru (Sura Al 'Imran 3 :55 ; al-Nisa 4 :158).

Mbega igitangaza ! Korowani yemeza : Yesu ni muzima ! Ntiyapfuye ! Itegeko (fatawa) muri Arabiya Saudite ryemeza muri ino misi ko “Isa” yadugijwe kwa Allah mu mubiri, impwemu n’ubugingo vyiwe. Ari mubakozi bo mw’ijuru bakorera Isumba vyose. “Yambaye icubahiro” nk” umwubahwa wo ku rwego rwo hejuru. Ntawushobora kuja mw’ijuru adaciye kuri Kristo. Bamwe mu bahanuzi bo mu buryo bwa mpwemu bavuga ko iri jambo (wajihun) ritwemerera kuvuga ko Kristo ari umuhuza, umuherezi mukuru n’umuvugizi w’abamukurikira bakazigama isezerano na Allah (Sura al-Ahzab 33 :7).

Kubwa Korowani, Kristo ahagaze imbere ya Allah nk’abamarayika, Gaburiyeli, Abakerubi n’Abaserafi. Inkota zisogota za Allah ntizamurimbuye kuko ari impwemu ya Allah kandi akaba yabaye kw’isi atagira icaha.

Muhamedi yemeye ivyiyumviro vyinshi biva muvyizerwa rukristo. Ariko ntiyigeze namba yemera ko Kristo avyagiye ku ntebe na Se wiwe (Ivyahishuwe 3 :21). Yemeye ko “Isa” yashizwe hafi mbere hafi cane y’intebe ariko atayivyagiranyeko na Se. Ibi nivyo vya Muhamedi. Yahatswe kwemera ukwo kuri kubice 90 gushika 95 kw’ijana, ariko agoreka ibivugwa muri (Daniyeli 7 :13-14).

Vyongeye kandi, dusoma muri Korowani ko Allah, abamarayika bose, Mikayeli na Gaburiyeli bafatanije n’abizera b’aba Islamu, bahamagarirwa gusabira Muhamedi kugira ngo ubugingo bwiwe bushobore kuronka amahoro (barzakh) (Sura al-Ahzab 33 :56). Naho biri uko, vy’ukuri bitandukanye n’ivya Kristo twisunze Ubutumwa Bwiza, si abamukurikiye bamusengeye ahubwo niwe yabasengeye. Yesu ni muzima, Muhamedi yarapfuye ! Iyo niyo ncamake yodutera intege kuri abo bagabo babiri bafise ububasha muri kahise ! Uwukurikira Kristo, aba akurikiye idini ry’ubugingo ! Uwukurikira Muhamedi aba yihutira kugwa mu maboko y’urupfu.

4.18 -- Ikiganiro ca Allah na Kristo mw’ijuru bivugwa muri Korowani

Muri Sura al-Ma'ida dusoma ikiganiro hagati ya Allah na Kristo mw’ijuru, Isa amaze gupfa mu mahoro na Allah amaze kumudugana iwe (Sura al-Ma'ida 5 :116-118). Kristo amaze gushika mw’ijuru, Uwushizwe hejuru yamubajije nimba yoba yarigishije abamukurikiye ngo basenge nyina wiwe, nawe ndetse na Allah nk’ubutatu (butaribwo). Ivyo Kristo abihakana rwose muri Korowani kandi agasigura ukutagira ububi kwiwe afatiye k’ukugoreka ukuri kwiwe n’aba Islamu mu buryo bw’impwemu.

Uko biri kwose, mu ntahe yiwe, Yesu yita Allah icabona n’umuzigamyi w’abamukurikiye bafatwa nk’impfuvyi nk’uko Kristo ubwiwe nawe yari icabona n’umuzigamyi wabo ubwa mbere. Muri ico kiganiro co mw’ijuru ca Allah na Kristo harimwo iryo zina, shahid. Dushobora gufatira iryo zina twisunze ijambo riri muri Bibiliya aho Dawidi yavuga ati: “Uhoraho niwe mwungere wanje!” Muri iyo mvugo nyene, Yesu yashingiye intahe mu Butumwa Bwiza ko ariwe mwungere mwiza atanga ubugingo bwiwe kubw’intama Ziwe (Yohana 10:11). Muri Islamu, “Isa” arafise mbere amwe mu mazina ya Allah (Sura al-Nisa 4 :159) ! Muri Korowani, amazina nk’ayo y’ubumana nta muntu n’umwe apfa yigeze ayahabwa.

4.19 -- Kristo- Uwuzi umusi w’imperuka !

Kubw’ibicumuro vyabo, aba Islamu baratinya cane umusi w’izuka kubera ko Allah azoza kubacira urubanza ruhwanye n’ivyo bakoze. Uravye ukwizera kwa Islamu kuvyo mugihe c’imperuka Kristo niwe azoca imanza. Incuro nyinshi imigenzo ivuga ko Isa azogaruka gusangangura antikristo, kwica ingurube zose kw’isi no gusambura imisaraba yose iri kumasengero niyiri kumva. Ngo azorongora aronke abana. Nk’uwavuguruye Islamu, azohindura abaremwe bose, harimwo n’abakristo (Sura al-Nisa 4 :159), kuri Allah. Igihe azorangiza igikorwa ciwe azoca apfa, kandi, azohambwa hagati ya Muhamedi na Abubakari i Medina. Iyo ni isaha yashinzwe muri kazoza, kuko kuva uwo mwanya Allah azoza gucira urubanza abari mw’isi. Azozura Muhamedi na Yesu, abicarike kuntebe y’ubwami hama abareke nabo bacire urubanza abari mw’isi. Muhamedi azocira urubanza aba Islamu batasenze, batarishe canke batagwanye bihagije, mugihe Yesu we azocira urubanza aba Yuda n’abakristo batemeye Islamu.

Iki gikorwa cashinzwe, urupfu rwa Kristo inyuma y’ukugaruka kwiwe, rwitwa, muri Korowani, ‘kumenya isaha y’urubanza’ (Sura al-Zukhruhf 43 :61), kuberako ifatwa nk’intango y’iherezo ry’isi.

Umugore w’umuvugabutumwa muri Indoneziya, yigishije Islamu mu mashure ya Reta, yatuye ati : « Igihe nategerezwa gusigurira umwana wanje amategeko kisilamu kuvyerekeye umuhero w’isi nama nshavura kubera ko Yesu umunyantege nke, aciye bugufi azogaruka kwica antikristo ! Aho umugwanyi w’umuvugishwa Muhamedi atakintu na kimwe camuvuzweko kuvy’umuhero w’isi ! Nashaka kubona Muhamedi nk’intwari atari Umwana wa Mariya ! Yamara, nigisha nti nimba vyukuri Kristo azoza avuye mw’ijuru nkwiye kwitegurira neza ukugaruka kwiwe. Narinkwiye gusoma ivyo azombaza, ivyo yategetse n’ivyo yabujije. Muri ubwo buryo imyizerere kislamu kukugaruka kwa Kristo vyandongorera kubutumwa Bwiza kandi bikamfasha gutahura Umukiza yazutse mumajambo Yiwe’. Uyu musi ni umukristo akaba n’umwigisha yiyeguriye Kristo kandi akanashingira intahe Yesu Munyakuri n’ukugaruka Kwiwe kwegereje.

4.20 -- Ni igiki kibura kuri Isa muri Korowani ?

Mugihe cacu ca c’ibidambidambi, ntitwoshobora kwemera ko amazina ayovya n’ayitirirwa Kristo ari muri Korowani kuduhuma amaso, ariko twoyakoresha nk’ibintu vyo gutangurirako mu kiyago njanabutumwa cacu n’aba Islamu kugira tubarongorere mu Butumwa Bwiza bwuzuye. Kristo kislamu ntabushobozi afise bwo gukiza umu Islamu canke kumuhindura ngo avuke ubwa kabiri !

Twomenya ko muri Korowani amazina ahambaye (titles) kuri Yesu kuvyerekeye ubumana bwiwe n’ugushobora vyose kwiwe biburamwo. Ntanakimwe kirimwo kubijanye n’itangwa ry’ikimazi kumusalaba canke ububasha bwiwe nk’umuherezi mukuru. Ntanakimwe cashizwemwo kubijanye n’ugutangwa kwa Mpwemu Yera. Muri Korowani Kristo ntavugwa nk’isoko y’ubugingo buhoraho, canke nk’umutwe w’ishengero. Ingingo ya 2 niya 3 muvyo kwizera kwacu dusanga muri ndemeye y’I Nicene vyose ntabirimwo muri Islamu! Muhamedi ntiyatahuye ugufatana muburyo bw’impwemu kuri hagati ya Yesu n’ishengero. Vyongeye, turashobora gukoresha amazina ya Kristo avugwa muri Korowani nk’ibiraro kandi adasanzwe mugusigura Ubutumwa Bwiza bwuzuye kubana ba Ishimayeri.

4.21 -- Kristo– Umukama w’amahoro

Intumbero y’ukugereranya kw’amazina n’ayandi y’icubahiro ya Kristo muri Bibiliya no muri Korowani si ugushimikira gusa ku buryo bw’ijanabutumwa bwo kuvugana n’aba Islamu, ariko kandi nukwerekana kameremere y’ubumuntu bwa Yesu muri ayo madini yompi. N’uwutandukanye cane n’abandi babaye aha kw’isi-mbere no kubwa Korowani. Muhamedi ntiyari guhakana ko Umuhungu wa Mariya ari umuntu w’amahoro. Intumwa y’Abarabu yiyerekanye ubwayo ko ari yo mwami w’intambara. Ibiganza vyiye vyavishije amaraso menshi. Muhamedi yahimbagwa n’ingaruka z’ukwicisha bugufi kwa Kristo kubigishwa Biwe. Yamuvugishije muri Sura Mariyamu: “Amahoro yari kuri njye ku munsi navukiyeho, azanambaho no kumunsi nzapfiraho, ndetse no kumunsi w’imperuka ubwo nzazuka nkongera nkaba muzima” (Sura Maryamu 19:33).

Kuva kukuvuka kwiwe kugeza kurupfu rwiwe mbere no kukuzuka kwiwe ukunezerwa kwa Allah kumwana wa Mariya kwariho kandi kuzohoraho. Yesu yashizeho amahoro hagati y’Imana n’abantu. Arakunda abansi Biwe. Yashimye kubapfira ngo ntibazopfe rubi. Yesu yari umuntu aganduka kandi aciye bugufi mu mutima wiwe. Ntiyigeze ashakako bamwemera kunguvu. Yari Intwari kubw’ukwizera Kwiwe, kurukundo Rwiwe, kubwo ukwihangana Kwiwe n’Ukwizigira Kwiwe. Yamara, Aba Islamu bavuga amajambo, “amahoro abe kuri we”! (as-salamu’alayhi) igihe cose bavuze iri zina. Biyumvamwo ko Kristo ari umukama w’ukuri w’amahoro. Ariko kandi, Aba Islamu barakoresha iri jambo ry’icubahiro no kubandi bavugishwa. Ariko abandi bavugishwa baronka amahoro yabo bitevye. Yesu wenyene niwe soko y’amahoro. Mubutumwa Bwiza avuga ngo: “Amahoro yanje ndayabahaye. Jeho simbagabira nkuko ab’isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare kandi ntimutinye”. (Yohani 14:27). Niwe ashoboye guhindura abamukurikira Biwe akabagira ababanguranya (Matayo 5:9).

Ubu nibwo bugingo budashira,
Ko bamenya wewe,
Imana y’ukuri,
na Yesu Kristo
uwo warungitse.

(Yohana 17:3)

4.22 -- Amazina 25 n’ayandi y’icubahiro ya Yesu, Umwana wa Mariya, muri Korowani

Izina canke izina ry’icubahiro rya YesuIncuroAho ubisanga muri Korowani
(Yesu) Isa252:87.136.253; 3:45.52. 55.59.84; 4:157.163. 171; 5:46.78.110.112. 114.116; 6:85; 19:34; 33:7; 42:13; 43:63; 57:27; 61:6.14
Umwana wa Mariya232:87.253; 3:45; 4:157. 171; 5:17(ubwa kabiri).46.72. 75.78.110.112.114.116; 9:31; 19:34; 23:50; 33:7; 43:57; 57:27; 61:6.14
Kristo113:45; 4:157.171.172; 5:17 (ubugira kabiri).72 (ubwa kabiri). 75; 9:30.31
Intumwa ya Allah53:49; 4:157.171; 5:75; 6:61
Ni Intumwa Yiwe muri rusangi32:87.253; 57:27; et al.
Jambo rya Allah43:39.45.64; 4:171
Jambo w’ukuri119:34
Umuja Wa Allah44:172; 19:30.93; 43:59
Impwemu iva kuri Allah34:171; 21:91; 66:12
Ikimenyetso kubantu319:21; 21:91; 23:50
Umwe mubintu vyiza23:46; 6:85
Ameze nka Adamu23:59; 43:59
Uwushinga intahe24:159; 5:117
Atagira agatosi. Umuhungu atagira icaha119:19
Mbabazi za Allah119:21
Umuvugishwa119:30
Umwe mubavugishwa162:61.91.136.177.213; 3:21.80.81.112.181; 4:69.155.163; 17:55; 33:7; 39:69; et al.
Yazanye inkuru nziza22:213; 6:61; et al.
Yashingiye intahe Torat25:46; 61:5
Umwe mubatanga imburi12:213; et al.
Yagamburukira nyina119:32
Si umunyamibabaro asambura119:32
Uwahezagiwe, aho azoba ari hose119:31
Afise icubahiro kirenze kw’isi no mw’ijuru13:45
Yajanye impande ya Allah13:45
Niwe azi isaha yanyuma143:61
Amahoro ari kuriwe119:33

4.23 -- Amazina 35 ya Yesu Kristo muri Bibiliya

(bitonze bivanye n’incuro zavyo)

Amazina ya YesuIncuro
Yesu975
Kristo569
Umwami216
Umwana w’umuntu80
Umwana w’Imana59
Umutware56
NDIHO50
Umwagazi w’intama w’Imana33
Umwami33
Umwigisha27
Umukiza26
Bugingo20
Uwugiye kuza20
Umuntu19
Umwana18
Umuvugishwa16
Umuco13
Umwana wa Dawudi10
Umuja (umukozi) w’Umwami10
Umubiri10
Uwera10
Munyabutungane10
Umuherezi mukuru10
Umutwe w’ishengero10
Munyabushobozi10
Uwo guhimbazwa10
Muburanyi9
Ibuye rigumya imfuruka9
Umucarubanza8
Umuhuza8
Uwashizwe hejuru8
Nyenububasha8
Uwisa n’Imana7
We Kunengesera7
Uwasuzuguwe bikabije6

Aya mazina n’amazina y’icubahiro 35 ya Yesu Kristo yahiswemwo mumazina 250 y’icubahiro muri Bibiliya (hisunzwe uguhindura mururimi ushira murundi mubudagi kwa Dr. Martin Luther). Uru rutonde ni iciyumviro co guhindura, naho hazobonekamwwoubudasa muncuro tuyabona bivanye n’ubudasa buri mukubihindagura muzindi ndimi.

4.24 -- Ibibazo

Mwenenedata Musomyi!

Nimba wize neza aka gatabu, urashobora kwishura ibibazo vyoroshe ibibazo bikurikira. Umuntu wese yishura neza 90 kw’ijana y’ibibazo vyose muri ubu butabo umunani vyo muri uru rukurikirane, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo rw’ikigo cacu.

Inyigisho Zisumbuye
Munzira zifasha mukugiranira ibiyago n’aba Islamu Kuvyerekeye Yesu Kristo

nk’ibigutera intege mubikorwa vya kazoza kuri kristo.

  1. Ni amazina angahe y’icubahiro n’uburanga bwa Yesu dusanga muri Bibiliya no muri Korowani?
  2. Izina Isa risigura iki kumu Islamu kandi nigute riseruka muri Korowani? Kubera iki abajanabutumwa bo mubindi bihugu barikoresha kenshi mugihe aba Kristo babarabu banka kurikoresha? Kuki Isa atariwe Yesu? Ni kangahe twokoresha izina Isa mumajombo yacu tuvugana n’aba Islamu gushika tubayoboreye kuri Yesu nyakuri?
  3. Ni gute izina ry’icubahiro Kristo (al-Masih) riboneka muri Korowani? Risigura iki kumu Islamu kandi risigura iki kumukristo? Ni gute Kristo yarisiguye mu Butumwa Bwiza?
  4. Ni iyihe insiguro dusanga mw’izina intumwa canke umuserukizi (rasul) nkuko rikoreshwa muri Korowani kubakristo? Kuki Muhamedi yahakanye iri zina ry’icubahiro “Umwami” na ‘Umukama’ kuri Kristo naho atatahura ivy’ukugaruka kwa Kristo kubera politike?
  5. Kuki muri Islamu Umwana wa Mariya atigera aba Umwana wa Allah? Bishoboka gute aba Islamu bavuge ko Kristo yavutse ku nkumi Mariya hama bakongera bagahakana bivuye inyuma Ubumana Bwiwe?
  6. Ni ayahe majambo abiri muri Ndemeye y’ i Nicene yerekana itandukaniro shingiro riri hagati y’ubw’Islamu n’ubukristo muvy’ugutahura kwabo kwa Kristo?
  7. Kuki Yesu yiyise Umwana w’Umuntu incuro 80 mubutumwa Bwiza uko ari bune mugihe yavuze vy’imboneka rimwe nahone mumpisho ko ari Umwana w’Imana?
  8. Niki umu Islamu yiyumvira canke yibaza iyo asomye muri Korowani ko Kristo ari Jambo ryavuye kuri Allah? Ni izihe nsiguro kibibiliya zishobora kuzuza ayo mazina avugwa muri Korowani?
  9. Kuki Muhamedi yubahutse kwita Kristo Impwemu igendagenda iva kuri Allah yamanutse iva kuri we kandi ikaduga isubira kuriwe?
  10. Kuki aricoroshe kubwa Mpwemu Yera kuba muri Islamu nkuko isanzwe iri mubutumwa Bwiza?
  11. Ni gute kwokoresha ijambo zakiy ryo muri Korowani kuri Isa, bisigura ko atacaha yari afise kuhera mubwana bwiwe? Twobisigura gute umu Islamu dukoresheje iri jambo? 
  12. Bisigura iki iyo dushingira intahe aba Islamu ko Isa wo muri Korowani ariwe muhungu wenyene ayatollah yarungitswe na Allah muri kahise k’isi yose?
  13. Korowani yugurura inzira izihe ko Kristo yigize umuntu kubw’imbabazi za Allah?
  14. Kristo ameze neza gute muri Korowani mugihe Korowani isigura ko ari umwe mwiza mubeza? Twokwereka gute umu Islamu ko Umwana wa Mariya ari mwiza nk’Imana.
  15. Korowani iba ishatse gusigura iki igihe ivuzeko Isa ari umweranda no kuri nyina wiwe? Hari uburyo wosigura ubwiza bw’Imana ukoresheje iri jambo?
  16. Mbega twohindura gute uko Korowani isigura nabi iri jambo ko Kristo atari umugorwa kandi atari n’igitangaza ngo tubihindure mw’ijambo ryiza ry’Ubutumwa Bwiza?
  17. Intahe Korowani ishingira Isa isigura iki iyo ivuzeko yahezagiwe aho azoba hose, kw’isi no mw’ijuru?
  18. Kubera iki Muhamedi yavuze muncamake intahe ya Kristo ko Kristo ari nka Adamu? Bitandukaniye he n’ibindi Korowani ivuga kuri Isa?
  19. Iri zina rya Kristo ryo muri Korowani ngo umuja wa Allah rihuriyehe n’ubutumwa Bwiza? Ni hehe muri Bibiliya Kristo yiswe umuja w’Imana?
  20. Kubera iki Isa muri Korowani atariwe muvugishwa wenyene ariko akavugwko ivyo yisangije? Bisigure muncamake.
  21. Kubera iki Muhamedi yemezako Kristo yubashwe muri iy’isi no mugihe kizoza kandi ko aba hafi ya Allah igihe yamutwara Iwe?
  22. Mbega kubwa Korowani Kristo yagiraniye ikiganiro kimeze gute na Allah amaze kumuduza Iwe? (Sura al-Ma'ida 5: 116-118) Kubera iki Kristo yaciye ahabwa icubahiro kimwe na Allah (shaheed = ubona vyose, Uwushinga intahe)?
  23. Ni gute aba Islamu bibaza ko intango y’ikimenyetso c’umusi w’iherezo ari ukugaruka kwa Kristo?
  24. Ni iyihe mirongo yo muri Korowani isigurako Yesu ari Umukama w’amahoro, uwubanguranya kandi akaba ariwe mu Islamu w’ukuri kw’isi yose?
  25. Ni irihe zina rya Kristo rihambaye ryo muri Bibiliya ribura muri Korowani? Kuki bimeze uko?
  26. Turekuriwe kugeza kurugero uruhe mugukoresha amazina yo muri Korowani, amazina y’icubahiro n’uburanga bwa Kristo n’ubutumwa Bwiza bwose bw’aya majambo?
  27. Kubera iki aba Islamu bafise ingorane zihambaye zo gutahura amajambo akoreshwa n’abakristo, nk’akarorero Umukiza wacu. Kubera iki intahe zabakristo benshi zidatahuritse kuribo?
  28. Nikuruhe rugero Yesu bo n’intumwa ziwe berekanye itandukaniro ry’intahe zabo mukubishira mubuzima busanzwe no muvyiyumviro vy’abayuda n’abanyamahanga kugira babamenyeshe ukuri nyakuri kw’Ubutumwa Bwiza? Ni gute Paul yabaye umuyuda muba yuda akaba umunyamahanga muba nyamahanga? Inyishu yanyuma y’ubu buryo kibibiliya bwo kwigisha yabaye iyihe?

Umuntu wese yishuye ibi bibazo ararekuriwe gukoresha ikindi gitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu munyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagutuma, akagukomeza, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwawe kwose!

Abo musangiye umurimo,

Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:

info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 14, 2022, at 10:13 AM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)