Home
Links
Contact
About us
Impressum
Site Map?


Afrikaans
عربي
বাংলা
Dan (Mande)
Bahasa Indones.
Cebuano
Deutsch
English-1
English-2
Español
Français
Hausa/هَوُسَا
עברית
हिन्दी
Igbo
ქართული
Kirundi
Kiswahili
മലയാളം
O‘zbek
Peul
Português
Русский
Soomaaliga
தமிழ்
తెలుగు
Türkçe
Twi
Українська
اردو
Yorùbá
中文



Home (Old)
Content (Old)


Indonesian (Old)
English (Old)
German (Old)
Russian (Old)\\

Home -- Kirundi -- 01. Conversation -- 7 The Cross
This page in: -- Arabic? -- Cebuano -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Hausa -- Igbo -- Indonesian -- KIRUNDI -- Russian -- Somali -- Telugu -- Ukrainian -- Uzbek -- Yoruba

Previous booklet -- Next booklet

01. Ikiganiro n’aba Islamu kuvya Kristo

7 - IKIGWISHA C’UMUSARABA GISIGURIRWA ABA ISLAMU

Ugucungurwa kwa Yesu kristo kwoshikirizwa aba Islamu Gute?

Icigisho ca gatatu ari naco canyuma kizibira aba Islamu ngo ntibabe aba Kristo ni icizere ko Kristo atigeze yicwa ariko vyasa nuko womengo yarabambwe. Bishoboka gute ko dusangira Ubutumwa Bwiza bwa Kristo yabambwe n’umu Islamu mugihe basanganywe ukwizera kunyuranye ? Birabe usomye ivyo twaberetse na cane cane baravye uko bishoboka bihweje Isezerano rya Kera, wiyumvira cane, Korowani n’intahe yawe ubwawe.



7.01 -- IKIGWISHA C’UMUSARABA GISIGURIRWA ABA ISLAMU

Ugucungurwa kwa Yesu kristo kwoshikirizwa aba Islamu Gute?

7.02 -- Kwiyamiriza urupfu rw’agashinyaguro rwa Kristo Muri Islamu

Umuntu wese aganiriye n’Umu Islamu ivya Kristo n’agakiza yatanze aca ashikira ahantu muri ico kiganiro aba Islamu batishura, ariko bakakwihweza bitwengera. Umubajije igituma ataco abivuzeka ashobora kukwishura:

● Abakristo mwizera ibinyoma! Mwaramaze kuzimizwa! (Sura al-Fatiha 1:7) Umuhungu wa Mariya ntiyishwe kandi ntiyanapfiriye kumusaraba. (Sura al-Nisa' 4:157), ikinyurane, Allah yaramutwaye amudugana Iwe (Suras Āl 'Imran 3:55; al-Nisa' 4:158). Ntiyigeze abambwa.

● Abandi ba Islamu bemeza ko Allah ari umunyakuri. Ni nacogituma akingira abatagira igicumuro ngo ntibababarizwe kumusaraba. Ariko yaciye atanga Yuda, umuhemutsi, aba ariwe abambwa (Sura al-Nisa' 4:157). Mbere no gushika ubu aba Islamu bibaza ko ibi ari ivy’ukuri.

● Ariko urondeye ubushakashatsi bwimbitse kubijanye n’igihakana ukubambwa kwa Kristo muri Korowani, aronka ico kwibaza kigira gatatu mu gasaho k’ubugenegene ka se w’ikinyoma: Nta muntu asanzwe, uravye ivyo korowani yigisha ashobora kwikorera igicumuro c’uwundi imbere y’urubanza gwa Allah (Suras al-An'am 6:154; al-Isra' 17:15; al-Fatir 35:18; al-Zumar 39:3; al-Najm 53:38), kubera umuntu wese atagerezwa gusaba imbabazi kubicumuro vyiwe ku Mana Nyeranda. Kubwa Islamu nta mpongano y’icaha ibaho.

● Impari igira kane kubijanye no kwihakana ukubambwa kwa Kristo, wihweje muri Korowani ni: Allah nta muhuza akeneye, ntan’ikimazi c’amaraso, Umwagazi w’intama no gutanga impongano y’ivyaha vyacu. Arikwije, aharira uwo agomba, akanazimiza uwo agomvye (Suras al-An'am 6:39; al-Ra'd 13:27; Ibrahim 14:4; al-Nahl 16:93; al-Fatir 35:8; al-Muddathir 74:31). Iyo Allah azimije umuntu, nta muntu ashobora kuzomugwanagwanako (Suras al-Nisa' 4:88,143; al-A'raf 7:178,186; al-Ra'd 13:33; al-Isra' 17:97; al-Kahf 18:7; al-Zumar 39:23,36; Ghafir 40:33; al-Shura 42:44,46).

● Impari igira gatanu, mugabo birondereye ubwabo mumvugo z’isi, bahakana kugukenegwa kw’urupfu gwa Kristo naco kirakomeye. Aba Islamu benshi bibaza ko ari beza bikwiriye ngo bashitse ibisabwa kubweranda bakoresheje inguvu zabo. Bizerako ibikorwa vyabo vyiza bifuta ibibi (Sura Hud 11:114). Baripfuza gukizwa, na cane cane iyo bakoze ivyo amategeko yabo abasaba (Shari'a). Kubw’ivyo bakibaza ko ata mucunguzi bakeneye ata n’umusaraba bakeneye. Ibi vyizerwa babirazwe n’ anayuda b’abafarisayo.

● Abacamanza b’abanyamadini hagati muba Islamu bavuga ka Allah yoba yarategekanije iherezo y’ikintu cose no kumuntu wese kuva imbere y’igihe atarava munda ya nyina, kandi ko bidahindura ico Allah yategekanije. Bizera ko ata kintu nakimwe gishira umuntu mubuzima bwiwe atari icanditwe mugitabu nyaco kiri mw’ijuru. Ntibabona ko bikenewe ko hari uwirigwa arabapfira kumusaraba.

● Aba Islamu batari kake mbere n’izi mpari ntanizo biyiziye. Ariko muncamake kuri ibi umengo hari amasezerano y’umugenzo mu miryango ya Islamu, bafata ko ari ibara kubona Kristo yobambwa. Bibaza ko umusaraba ari icitwazo kubakora intambara (croisades), amapolitike y’amadini yipfuza kubomora ubushobozi n’imico ya Islamu.

Urwanko umusaraba w’umucunguzi wacu wankwa rufise imizi kure cane mumibabaro itandukanye, ivyo bikaba bidashobora kurengerwa n’ivyiyumviro vy’umuntu ubwiwe. Ntibizofasha cane kwerekana ukuri canke isiguro y’umusaraba wa Kristo mubwenge bwacu. Dutegerezwa kubasengera, kugira babone ukuri kandi bakwizere. Iyi mpwemu ruzirakristo itegerezwa gutsindwa igasendwa mw’izina rya Yesu no murukundo gw’Imana!

Iyo twihweje uguhakana ukubambwa hamwe n’ububeshi harimwo n’ugwanko gwa Yesu Umucunguzi wacu, umuntu umengo yoca acika intege akabona umengo ntanakamaro ko kubwira ubutumwa benewacu b’aba Islamu. Mugabo umuntu wese azi amasezerano twahawe mw’ Isezerano rya Kera nkukwitegurira agakiza k’Imana, kandi ntave mukuri twiboneye mw’ Isezerano Rishasha, unafashe inyandiko z’ab’isi, canke imirongo ivuga ibihushane muri Korowani kubijanye n’ibambwa rya Yesu, uwo muntu yoca asangira na Paulo iyi ntahe:

"Ko twatsindanishirijwe mu kwizera, dufise amahoro n’ Imana muri Kristo Yesu" (Romans 5:1)

Ibi vyemeza bitanu bisumba uguhakana indwi kw’aba Islamu. Reka mugusenga twature instinzi ya Kristo kumusaraba kuba Islamu aho bari hose kw’isi.

7.03 -- Amasezerano ku rupfu rwagashinyaguro rwa Mesiya mw’Isezerano rya Kera

Aba Islamu benshi bizera kuvyategekeranijwe umuntu ku bintu vyose. Umuntu wese yokwerekana ukuri afatiye kuri Torati, Amazaburi, n’abavugishwa ko umucunguzi twasezeraniwe yategerezwa gupfa kumusaraba mukibanza cacu, bigaca vyerekanirwa ko vyashitse muri Yesu Kristo, vyofasha umu Islamu kwizera uwo Yesu yapfuye kumusaraba. Dutegerezwa kwiga aya masezerano 333 ari mw’Isezerano rya Kera yashitse mw’Isezerano Rishasha kugira twiyonkore kuvyo aba Islamu bizera kuvyategekanirijwe umuntu. Yesu ubwiwe yatsinze Satani hamwe n’amakenga y’abigishwa biwe ibihe vyinshi akoresheje aya majambo "Vyanditswe ngo!" (Matayo 4:4, 6-7; Luka 18:31; 21:22; 24:46; Yoh 5:46 n’ahandi henshi).

Mose amanika inzoka kugiti
Yesu asigurira Nikodemu umwubahwa w’umwigisha w’umuyuda ivy’urupfu rwiwe n’igituma ategerezwa gupfa ku musaraba, mukumweraka ivyabaye muri Torati: Nk’uko mose yamanitse inzoka kugiti mubugaragwa, niko n’Umwana w’umuntu azomanikwa, kugira ngo uwumwizera wese aronke ubugingo budashira (Yoh 3:15)

Kuri aka karorero Yesu yerekanye inzoka mose yari yacuze mu muringa uko Imana yamutegetse aca ayimanika kugiti. Kugira abantu bose bakomowe barabe kuri iki “kimenyetso” baca bakira ubwonyene naho bari bakomowe n’inzoka.

Kuki Yesu yigereranije n’inzoka, iyamye igereranywa imyaka yose n’ikibi (Itanguriro 3:1-15)? Murukundo gwiwe, Yesu yikoreye ivyaha vyose vyabanyavyaha bose, kugira aboneke nk’ umunyavyaha kandi bizwi ko ata caha yakoze, nk’uko Paulo yanditse mu makete yiwe mu bakorinto: Imana yahinduye icaha Uwutagira icaha kubwacu, kugira muriwe tube abera (2 Korinto 5:21)

Yesu yashimikiye kukuvuga ko ata bundi buryo bwo kuronka agakiza kubari barazimijwe na Satani bidaciye mukubapfira. Yarakeneye kandi yategerezwa kubabazwa ku musaraba kubera ivyaha vy’abanyavyaha bose.

Yesu – Umwagazi w’Intama wa Pasika
Yesu yagiriye umusi mukuru wa pasika abigishwa biwe ngo abahishurire ko ariwe Mwagazi w’intama wa Pasika. Yarengeje uko bari bamenyereye pasika ikorwa atangura gusigurira abamukurikiye ko isezerano rya Pasika rizoshitswa n’urupfu gwiwe. (Matayo 26:26).

● Nkuko, bahejeje kuyibaga, amaraso y’umwagazi w’intama w’infura bawusiga kugishimaryango c’inzu zose z’abisirayeri bari abaja muri Egiputa, Kugira ngo uburake bw’Imana n’uguca imanza kwayo bibarengane, ni nkuko nyene ku bantu bose bazokwemera musi y’amaraso ya Yesu azokwikiza uburake bw’Imana kumusi w’urubanza. Aba Islamu bayobewe iri banga, kuko bibaza ko amaraso y’Intama yabazwe ashobora kubakingira (Exodus 12:7, 13, 22-23; Act 16:31).

● Nkuko abana ba Yakobo bariye inyama zitaze z’umwagazi w’intama wa pasika mu miryango yabo no mu mazu yabo, kugira bashobore kuronka inguvu ngo bave mu buja bari barimwo, Ni muri ubwo buryo Yesu Kristo babikoze, umwagazi w’intama w’ukuri, Yifatanije akaramata n’abagumye muri We abatera intege zo guhunga no kuva mubuja bw’ivyaha hamwe na Satani. (Kuvayo 12:3-6, 8-11, 43-48; Matayo 26:26; Yohana 6:35, 48-59).

● Nkuko ata kubabarigwa icaha kubaho ata maraso asesetse (AbaLewi 17:11; Heb 9:22) imwe mu ntumbero za Yesu umwagazi w’Intama wa Pasika y’ibihe bidashira kwagumye ari ugucungurwa kw’ibihe bidashira kuvyaha vy’abiyugururiye ukwezwa mu maraso yiwe, biciye mu maraso yiwe, hamwe boba bizeye ukwitanga bakanamushimira kubushobozi bw’amaraso Yiwe. (Heb. 10:14).

● Yesu yise amaraso yasheshe ngo ni amaraso y’isezerano (Itanguriro 24:4-8; Matayo 26:27-28), aho yifatanije n’ishengero ry’iwe ibihe bidashira. Umuntu wese azokwinjira muri iryo sezerano ry’amaraso akagiriranira imigenderanire nawe mu kwizera ategerezwa kuba uwera nk’uko Imana ari Iyera (Abalewi 11:44). Ategerezwa gukunda nk’uko Yesu yadukunze (Yoh 13:34) ngo ababarire bose nk’uko Imana yabababariye. (Mat. 6:12, 14-15).

Dutegerezwa gufasha aba Islamu ngo batahure ko Ugusangira kwera ari ugushitsa pasika uko yakozwe mw’Isezerano rya Kera. Umuntu wese yizera Umwagazi w’intama w’Imana azokwezwa ivyaha vyiwe vyose kandi azobona Yesu aba muri we.

Amazaburi y’imibabaro
Zaburi 22 ni iyerekwa ryaguye risigura imibabaro ya Kristo kumusaraba. Iyo mirongo yahishuriwe Dawudi mu myaka yababa 1000 Inyuma Ya Yesu Kristo. Uravye uko vyavuzwe n’uko vyashitse vyerekana ko harimwo umugambi w’Imana mbere ko no kubambwa kwa Yesu kwari ntabanduka.

Hari umuvugishwa burenga icumi buvuga imibabaro ya Kristo mu mazaburi itandukanye. Umuntu wese abigomvye aronka uburongozi bumutahuza no kwizera agereranije iyo Mirongo n’uko yagiye ishika mu rupfu rwa Yesu ku musaraba:

Zaburi 22Mt 27Mk 15Lk 23Jn 19
6: Abahita baramucurira bazunguza umutwe33, 41-442936-37-
7a: Abambona bose bantwengera mw’ijigo2936-37-
7b: bampa ibinoko, banzunguririza imitwe3929--
8: Yishize k’Uhoraho n’amukize: n’amukize kw’amunezereregwa43---
11: Nta mutabazi4230-3137-
15: Ururimi gwanje rufatanye n’uruhekenyero---28
16a: Umugwi w’inkozi z’ibibi zankikije41-4331-32--
16b: Bantoboye ibiganza n’ibirenge-243319:18, 20:20
17: Abantu bandaba bankanuriye Amaso--35-
18a: Bagabura Impuzu zanje35243423
18b: Bapfindira umwambaro wanje3524-24
1: Mana Yanje n’iki kikumpebesheje?4631--

Umuntu wese yihweje ibi vyanditwe vyo mw’isezerano rya Kera kuvy’urupfu gw’umwami wacu Yesu Kristo ku musaraba azotahurako?
● Umutima w’urukundo n’uw’impuhwe wa Yesu wamuteye kubabara cane igihe yaza abiwe ntibamwakira, ariko bakamushinyaguriza! Mubihugu vy’abarabu gushinyagurizwa bibabaza gusumba urupfu! ● Mbega umubiri wiwe wari gutabagurwa n’umubabaro n’iminiho ihambaye, ariko ntiyigeze yicuza. ● Mbega impwemu yiwe yagize umubabaro ungana gute igihe yamusiga kubera ivyaha vyacu! Yasemereranye umubabaro utagirakagero: "Mana Yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje?" (Zaburi 22:2)

Womenga ntivyumvikana kubantu bize ivyigwa menyeshamana, ingene Imana yoheba Umwana wayo ikunda. Yavuze: "Wampevye!"

Ivyiyumviro vy’abantu bituma bahakana ivyo: Asangwa Imana yaramuhevye, ibi ni ivyerekana ko Yesu yakoze ivyaha!

Bibiliya iravuga: Uwutagira icaha. Icaha c’isi yose yaracikoreye. Ni kubw’ivyaha vyacu Imana yamuhevye.

Bamwe bagerageza kwibesha bakavuga, Data yanyegeje gusa Umwana mu maso hiwe aca aboneka nk’uwumucira urubanza kubera ivyaha vyacu.

Bibiliya yoyo ibivugako iki? : Yaramuhevye! Ubumwe bw’Ubutatu bwari bwigabuye mbere bumanyutse. Aha yari Gihonomu! Yabaye intango yokurangirizako igihe co kwinjira mu mwiza. Matayo na Mariko bobo bivugiye gusa iri jambo rimwe mu majambo indwi Yesu yavugiye ku musaraba. Aya maborogo yagumye ari ikigwisha kw’ishengero ryari riri aho. Ariko aya majambo yavuze ni ngirakamaro gusumba ayandi majambo yose Yesu yavuze kuko aha agakiza kacu kari gahejeje kudushikako!

Yesu yaratuye ubwambere: "Mana Yanje! Mana Yanje!" Yakobo yagwanye n’Imana ku ruzi Yaboke, Kandi Imana yagomvye kumusiga ngo yigire. Ariko Yakobo yankira uwo mumarayika ko atagenda kuko yari yemera ko ari umunyavaha. Yarasemereye, " Sinkurekura utampezagiye!" Mukwizera kwiwe Yakobo yanesheje umwami n’umucamanza wiwe aca aronka umugisha (Itanguriro 32:23-32). Ku rwego rwo Hejuru, Yesu ntiyemereye Imana ica imanza ko igenda. Yumiye kuri Se, naho Se yari yamuhevye. Ariko mukwizera ntiyaretse Se ngo yigire. Yaciye asemerera arasenga, "Mana Yanje! Guma uri Imana Yanje naho ntakubona. Sindakureka ngo ugende – udakijije abankurikiye!" Ukwizera Data kw’Umwana murukundo n’ubwizigirwa vyarengeye Imana mucamanza. Ukwizera kwiwe kwabaye intsinzi ku mahanga Yose (1 Yoh 5:4). Mukwizera kwiwe niho twakirijwe (Yoh 16:33)!

Ahajeje guhura n’Imana mushobora vyose, Yakobo yaciye ahabwa irindi zina: Isirayeli! Iri zina risigura: Yagwanye n’Imana arayinesha. Yesu niwe Isirayeri w’ukuri! Yagwanye n’Imana kubw’agakiza k’abantu bose aratsinda kubwo ukwizera kwiwe! Yumiye kuri Se, Naho hari igihe co kwihebura ko yamuhevye. Yasenze agira apfe: "Data, mumaboko yawe, niho nshize ubugingo bwanje!" (Luk 23:46), naho atari akibona Data.

Ugereranije n’amasezerano yari yaravuzwe mw’Isezerano rya Kera ukaraba uko vyashitse mw’Isezerano rishasha, uca ubona ko Mw’Isezerano rya Kera harimwo n’Isezerano Rishasha.

Ukubabazwa kw’umuja w’Imana
Irindi sezerano ridasanzwe kubijanye n’urupfu gwokuducungura rwa Yesu mw’Isezerano rya Kera rwahishuwe mu gitabu ca Yesaya, umuvugishwa w’umucunguzi wiwe. Kubasomyi b’aka gatabu tubasaba gufata ku mutwe iki cahishuwe. Kuko kizokwongerereza inkomezi mu mutima wawe, mbere binatume uronka inyishu ibereye ku ba Islamu bihakana Umusaraba.

N’ukuri ni izacu ntimba yishizeko,
n’iy’acu mibabaro yikoreye;
ariko tweho twamwiyumviriyeko nk’uwakubiswe,
nk’uwacumiswe n’Imana akicurikirizwa n’akabonge.
Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro,
yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo:
Igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we,
kandi imishishagu yiwe niyo idukiza.

(Yesaya 53:4-6)

Iyi mirongo uko ari itatu niyo ikomeye cane muri iki gice cose uko kingana. Umunyeshure w’umu Islamu i kazablanka yatewe intege zo gusoma iyi mirongo aca abazwa uwo yibaza ko avugwa muri iki gice. Amaze kwiyumvira cane no kuruhuka: "Asangwa iyi nkuru ari iy’ukuri, uyu muntu yari afise urukundo rudasanzwe!" Wa musore w’umu Islamu aca abona akabanga kari mu Butumwa Bwiza!

Kuki aba Islamu bahakana ibintu bigaragara muvyanditswe kuvy’imibabaro ya Yesu n’urupfu rwiwe? Igituma ni uko atigeze anyerera kw’ijambo "Umusaraba" na "Umwana w’Imana"! Ntivyanditse ngaha. Ni naco gituma bategerezwa gutahura ivyabaye ku musaraba basomye Yesaya 53 avuga ivy’ umuja wa Yahwe yababajwe agapfa kubw’urubanza rw’Imana ihagarariye abantu biwe bakoze ivyaha. Ab’ifilipi 2:7 herekana ivy’iki gishingantahe, bagereranije ukwatura kwa Yesu, aho yiyise umukozi wa bose. (Matayo 10:28; 2 Korinto 8:9; Heburayo 2:14, 17).

Mbega Yesaya 53 itwigisha iki twebwe n’aba Islamu?
Yesu yicishije bugufi yikorera ubunyantegenke, ibigabitanyo, ivyaha, ubukozi bw’ibibi, kuba ingumyi aca aratubabarizwa igihe Imana yari ije guca urubanza. Imana yafashe ivyaha vyacu irabimukorera. Kubera ivyaha vyacu, yarakubiswe, arababazwa, arakomeretswa, arabambwa mbere no gupfa arapfa.

Dusubirizwamwo amahoro n’Imana no gusomorwa inguma kubera ariwe yavyikoreye vyose. Ukwitanga kw’ikimazi birahagije, birikwije, birabereye ubu n’ibihe bitazoshira.

Ukubabazwa kw’ Umwana w’intama w’Imana bizofasha benshi kandi bizokwiza murunganwe rutandukanye umugambi w’agakiza w’Imana. Mbere haba no muba Islamu be no mu bayuda ubwabo. Azokiza benshi muribo ivyaha vyabo mbere bizonarengera abanyankomezi.

Niwafata ku mutwe Yesaya 53, kuva ku murongo wambere kugera kumurongo wa cumi na kabiri uzoba uronse igikoresho kidasanzwe co gukoresha mukuvuga ubutumwa bw’intsinzi ya Yesu kuri Islamu! Iki gisomwa categerezwa gutangwa, kikanasohorwa kumpapuro kikamanikwa (ata musaraba atan’ijambo wiriwe urandika ngo Umwana w’Imana). Aha bizigaragariza imbere kubahakana ukubambwa kwa Kristo.

Iyindi mirongo kubijanye n’ibambwa rya Mesiya mw’Isezerano rya Kera
Turavye ayandi masezerano n’ubundi buvugishwa kubijanye n’urupfu gwa Yesu muri Torati, amazaburi hamwe n’ibitabu vy’abandi bavugishwa, uca ubona iyindi mirongo yashikijwe mw’Isezerano Rishasha:

Imana yishe igikoko isesa amaraso muri paradizo kugire ihishe ubwambure bwa Adamu na Eva. (Itanguriro 3:21).

Uruvyaro rwa Eva ruzomene iyo nzoka umutwe nayo imukomeretse kugatsintsiri. (Itanguriro 3:21, Ivyah 12:4, 5, 15-17).

Uwamanitswe ku giti yaba ariko umuvumo w’Imana (Gusubira. Muvyagezwe. 21:22, 23; Ivyak 5:30)!

Bamuhaye inkarisha ngo ayinywe (Zaburi 69:21; Matayo 27:33; Yohana 19:29).

Mu maboko Yawe niho nshize ubugingo bwanje. (Psalms 31:5; Luke 23:46).

Igihuzu gikingiriye ahera h’urusengero gitantamukamwo kubiri (Kuvayo 26:31-33; Matayo 27:51).

Nta gufa na rimwe ryiwe ryavunywe (Kuvayo 12:46; Yohana 19:33-34).

Bazombona uwo bacumise (Zakariya 12:10; Yohana 19:37; Ivyah. 1:7).

Intete z’ifeza mirongo itatu zo mw’Isezerano rya Kera
Mugitabu canyuma c’ivy’ubuvugishwa, hari insiguro igaragara y’ifeza mirongo itatu Yuda yakiriye igihe yagurisha Yesu. (Matayo 26:14-16).

Ndababwira, "Namba mubona ko ari vyiza, nimumpe ingero yanje; bitabaye vyiza, musigeho. Nuko bangerera intete mirongo itatu z’ifeza kw’ingero. Uhoraho arambwira, ati tereza akaminuza k’ifeza banciriye! Nuko nabira za ntete z’ifeza mirongo itatu nuko ndaziterera munzu y’umubumvyi mungoro y’Uhoraho! (Zakariya 11:12-13)

Muri ibi vyanditswe vyera, Yehova, Umwami w’Isezerano, aravuga, "izo ntete z’ifeza nico giciro banciriye!" Mbega Yesu ni Yehova? Mbega Imana nyen’amasezerano yoba yarabaye Umuntu mw’izina rya Yesu Kristo (Yesaya 40:3-5; 60:1-2; Luka 2:11 n’ibindi bice bitari bike)! Ukugurwa kwiwe biciye kuri Yuda ku ntete z’ifeza mirongo itatu vyahishuriwe Zakariya ibihe birebire imbere y’uko ivyo bishika!

Ukuri kw’ibihe bidashira guhishijwe muvyanditswe vyera vyo mw’isezerano rya Kera no mu mirongo bigenda bijanye no mw’Isezerano Rishasha, ivyo bikaba icabona c’urupfu rwa Yesu ku musaraba. Umuntu wese agomba kuvyiga azotahura. Umuhamagaro udasanzwe uri mu gitabu canyuma co muri Bibiriya nawo uraba aba Islamu n’abayuda: "Uwufise amatwi yo kwumva, niyumve ico Mwemu abwira amashengero!" (Ivyah 2:7 n’iyindi mirongo)

7.04 -- Ukubambwa kwa Yesu Kristo mw’Isezerano Rishasha

Aba Islamu benshi bafise amakenga yo kwemera imibabaro ya Kristo mbere n’Urupfu rwiwe ku musaraba nk’ibintu vyabaye mbere na Kahise ko kemeza ko ari ivy’ukuri. Baritwengera bakiyumvira bati: Abakristo baragowe! Bakiyumvira, kuko bazimiriye mu bugaragwa bw’ivyiyumviro vyabo n’ubutamenya. Babona Imana zitatu hakubona Imwe bagaca bibaza ngo imwe murizo yarabambwe! Aba Islamu benshi bibaza ko Yesu atigeze abambwa.

Naho biri uko, si aba Islamu bose biyumvira uko. Hari abagomba kwumva ibijanye n’ukwo kubambwa kwa Yesu canke kubiraba uko biba vyarakinywe mu ma sinema. Aba Islamu Babiri barorereye Sinema ya Yesu. Barangije umwe abwira mugenzi we: "Kuki abarongozi bacu bama bemeza ko Yesu atigeze abambwa? Jewe namwiboneye ari ku musaraba kandi aracikana!" Aho bishoboka ni vyiza ko, tubereka ubu butumwa bwiza uko ari bune kuko buvuga ibijanye n’urupfu rwo ku musaraba rwa Kristo bakavyisomera n’amaso yabo. Kugira mugihe ariko arayasoma ace ahura na Yesu mu majambo yavuze ubwiwe.

Yesu yarivuze ubwiwe:
Umwana w’umuntu ntiyaje gukorerwa, ariko yazanywe no gukorera abandi no gutanga ubugingo bwiwe kw’incungu ya benshi. (Matayo 18:11; 20:28; 26:63-64) incuro zirenga mirongo umunani (80) mu butumwa uko ari bune yagumye yiyita ngo "umwana w’umuntu". Naho yakoresheje iyi mvugo, yagumye aboneka ko ari Umwami w’umucamanza wihweje muri Daniyeri 7:13-14, Yerekanye Ubuntu bwiwe n’uguhinduka umuntu nk’umukozi w’abandi. Mugukora ivyo Yahinduye imigenzo yabo: Uwambere ategerezwa kwibona nk’uw’inyuma uwanyuma aca asezeranirwa kuzoba uw’imbere. Abahambaye bategerezwa guca bugufi bagakubita inkoro hasi abakengerwa bagashigwa hejuru n’urukundo rw’Imana. (Matayo 20:26-27; 23:11-12; Mariko 9:35; 10:44; Luka 22:26-27).

Umuntu wese akurikira Yesu azoba umukozi, ntazoba kibirengeye! Iyi ni ingendo nshasha, inyuranye n’ivyiyumviro vya Islamu. Imana yacu ni Imana yicishije Bugufi, Allah wewe n’umunyabwibone. (Sura al-Hashr 59:23). Aba Islamu bishira hejuru mugihe abakurikiye Kristo bobo bicisha bugufi. Umusaraba wa Kristo usaba uguhinduka mungeso zacu, atari uko tuba tuzimiye.

Muri Islamu, umwihevyi yiteguye gutanga ubuzima bwiwe kugira ashobore gukingira igihugu ciwe rimwe na rimwe yiyita "umucunguzi” (fida'i). Kristo niwe mucunguzi w’ukuri (faadi) yatanze ubuzima bwiwe kugira abohore bose, abamukurikira, kubw’urubanza rw’Imana, kubushobozi bw’icaha, kubugunge bwa Satani, n’urupfu rw’ibihe bidashira. Yesu yatubohoye aduha umwidegemvyo ku bushobozi bw’umugwanizi bwatuboshe. Ni umukozi kuwasuzuguye akaba n’umucunguzi w’imbohe za Satani. Urukundo rwa Kristo n’ukwicisha bugufi ni urupfunguzo rwo gutahura urupfu rwiwe ku musaraba.

Ukuba nkenerwa kw’ukubabazwa kwa Kristo
Imirongo imwe imwe yo mu butumwa bwiza ituma bagira amakenga n’ivyibazo kuvy’umusaraba bishobora gufasha umu Islamu yiyumvira!

Intahe ya Petero irangiye (Matayo 16:16) Yesu yubashe umuvugizi wiwe w’umwigishwa ariko anipfuza gushimangira imbono y’inganji ya Mesiya ngo igaragarire mukuri kw’imibabaro y’umukozi w’Imana. Ahishura ko yategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa, akanahapfira kugira ngo aze azurwe ku musi ugira gatatatu (Matayo 16:21).

Petero, naho biri uko, yumvise impuhwe. Yibajije ko Yesu yababazwa n’ubwoba, aca agomba kumutera intege: "Ntibikabe Imana ikurinde ako kabi! Ntibikabe!" (Matayo 16:22). Yesu arahindukira amwita Satani (!) aravuga, "Herera inyuma yanje Satani!... Uri ikintsitaza, kuko ivy’Imana atari vyo ubabaye ubabaye ivy’abantu" (Matayo16:23).

Iri hinduka giturumbuka ryo mu mvugo ku muvugizi w’abigishwa biwe rishoboka gute? Petero yagerageje kugwanya ukubambwa kwa Yesu ari nayo ntumbero n’icatumye aza mw’ishusho y’umuntu. Yesu yatandukanije ijwi rya Satani mu majambo yateguwe neza y’intumwa, kuko Satani ntacoyanka kurusha umusaraba ku mwana w’Imana, ikibanza azi ko azotsindigwawo ubutagisubira inyuma.

Ayandi majambo nk’ayo yo gukebura aboneka no Kuri Muhamedi, uwaretse Allah akora ivyo agomba vyose ngo akize umwana wa Mariya ngo ntabambwe.

Yesu yabwiye abigishwa biwe incuro zitatu zose ko icamuzanye ngaha kwisi ari ukubabazwa no kwicwa (Matayo 16:21; 17:22-23; 20:17-18): Tuduge I Yerusalemu, aho umwana w’umuntu azogurwa agatangwa kubaherezi bakuru n’abigishwa b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza bamuhe abanyamahanga ngo bamushinyagurire ababazwe hanyuma abambwe. Kumusi ugira gatatu azozurwa abe muzima (Matayo 20:18-19)!

Uko Yesu yegereza Yerusalemu, nikwo yaguma ahishura imibabaro yiwe no gupfa kwiwe ku musaraba, mbere no kuzuka kwiwe. Yari uwurengeye Umuvugishwa. Yari jambo w’Imana ubwiwe. Yama avugana na Se ari mw’ijuru, yama amuhishurira ibizoba.

Mu vyiyumviro vy’umuntu wokwibaza: "Ko Yesu yari azi bii vyose, Kuki atahunze canke ngo yimukire ahandi, nk’uko Muhamedi yabikoze abonye ahanzwe i Maka aja Medina? Kuki Yesu atigeze abinyegeza canke ngo yiyoberanye ubwiwe?" Hariho ubushake bw’Imana bwamusuguma bumurongora! Yarazi ko atagakiza gashobora kuboneka ku mwana w’umuntu atabanje kumupfira. Yubashe ubugombe bwa Se mw’Ijuru no murupfu! Kubwaba Islamu ibi ntibishoboka!

Yesu i getsemane
yumva ubwoba, aragandarira imibabaro n’urupfu rwiwe rwari rumwegereje, ariko arasenga mw’itongo riri musi y’uruzitiro rw’I Yerusalemu. Abigishwa biwe barasinzira, ntibamufasha kwinginga. Naho vyari uko wewe arasenga: "Data, asangwa bikunda, iki gikombe kindengane, Ariko ntibibe nkuko jewe ngomba, ariko uko Wewe ugomba." (Matayo 26:39)

Umuntu Yesu n’ubugingo bwiwe n’umubiri yumvise agahinda k’urubanza rw’Imana rwagomba ruce mu rupfu rwiwe. Ariko Umwana w’Imana w’umubiri yumiye mubwizigirwa ku kwubaha Uwamukunda. Umusaraba wa yesu ntivyari nk’ibikino, canke imyiyerekano abantu bateguye ariko intambara y’ijuru na kuzimu. Yesu aca yemera ukugomba kwa Se aca asenga ubugira gatatu: "Data, asangwa bidashoboka ko iki kindengana shiti nkinywereyeko, ni bibe nk’uko ugomba." (Matayo 26:42)

"Islamu" y’ukuri canke ukwishikana vyabonetse muri iyi ntambara yo mu masengesho ya Yesu. Ntanumwe yamutegetse kwemera ubugombe bwa Se, Yabonye urukundo rwo kwizera no kwizigira uburongozi bw’impwemu kuri Data.

Ukunanirwa kw’abigishwa n’ukwihangana kwa Yesu
Abigishwa bari baciye mw’ishure ya Bibiriya rihambaye kw’isi biciye munyigisho z’umwigisha adasanzwe. Igihe ibigeragezo vyaza, nkaho Yesu yari amaze guhagarikwa, bose baca barananigwa ikibazo canyuma. Baca bahungira mu mwiza wo mw’ijoro! Petero aca ugutwi umusuku w’umuherezi mukuru n’inkota yiwe, aca ahakana Umwami wiwe mundahiro (Matthew 26:56, 69-75).

Mbega Yesu yavyifashemwo gute? Mbega azohumuriza abakunzi biwe gute? Yarabasengeye ari kumusaraba: "Data, bababarire, kuko batazi ico bakora." (Luka 23:34) Arangije gukiza abiwe bose mu mahanga yose aca arasemerera imbere yo gucikana: "Birarangiye!" (Yohana19:30)

Muri iki gihe aca asigura kuri Se ukunanirwa kw’abigishwa biwe kuko batari bazi ico bakora. Yakirishije amahanga yose, mbere n’abayuda n’aba Islamu nabonyene barimwo agakiza kiwe. Yesu ntategerezwa gusubira gupfira aba Islamu canke abayuda ukundi! Yaradukunze adukunda twese, mbere n’abamwanka. Yarabapfiriye nabo.

Umugabisha w’ingabo z’abaroma yagomba kumenya neza ko “Umwami w’abayuda” yoba yacikanye aca amuzibura icumu ryiwe mu rubavu ahaherereye ku mutima. Naho yari kuba ari muzima iri cumu ryonyene ryari rihagije kugira ace acikana. Muri iki kiringo yari yarangije igikorwa ciwe c’imibabaro yo ku musaraba. Iri cumu ryabaye nk’icemeza neza ko Yesu yapfiriye kumusaraba. None Muhamedi yoshobora kuvuga gute? "Ntibamwishe! Ntibamubamvye! Bo babonye umenga niko biri" (Sura al-Nisa' 4:157)?

Aho Yesu yazuka mubapfuye akiyereka abigishwa biwe ari mu mubiri wiwe w’impwemu aho bari biyugaraniye munzu imiryango itarinze kwugururwa, Ntiyabakankamiye kubera bagize ubwoba ariko aca arabaramutsa, "Amahoro abane namwe!" (Yoh 20:19) Ivyo batabitegereye neza bagikekeranya ko yoba atari we, aca abereka inkovu mu biganza no ku birenge mbere n’inkovu yo mu rubavu (Yohana 20:20). Baca batahura ko Yesu yabambwe agahambwa ari muzima, kandi ahagararanye nabo!

Ahonyene wa Mwami yazutse aca atangura kubigisha umugambi w’agakiza uko uri mw’Isezerano rya Kera. Muri iyo misi uko yari mirongo ine (40), aca abibereka uko vyari vyanditswe muri Torati, Zaburi, Mbere no mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana, ko Kristo yategerezwa kubakubabazwa imbere yo kwinjira mubwiza bwiwe. (Luka 24:26-27). Abugurura ubwenge, kugira batahure ivyanditswe aranabaha kubitahura, "Niko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu." (Luka 24:46)

Yesu ubwiwe araturongora atwereka uburyo bubereye bwo kumukorera muba Islamu. Igihe umu Islamu arondera ugutahura, ahejeje igihe ciwe co kuryoheregwa ivya Kristo, aca ahunga nka kurya abigishwa ba Yesu nabo bahunze: igikorwa cacu ni ukubegeranya kandi tugatangura kubigisha icigwa ca Bibiriya gishasha, nkuko Yesu yagize arikumwe n’abigishwa biwe!

Kurengana gukomeye
Yesu amaze gutegura abigishwa biwe kugira bashobore gusukwako Mpwemu Yera bivuye ku rupfu rwo kwitanga kwiwe ku musaraba, abigishwa baramubaza, "Mwami, Ubu niho ugomba ugarukane ingoma ya Mesiya kubisirayeri?" Bari batumbereye uburongozi bw’ubwami bwa Politike! Ntibigeze batahura ubutumwa bwa Yesu kuvy’ubwami bwo mu buryo bw’impwemu. Amaze imisi mirongo ine abaha inyigisho zo muburyo budasanzwe Umwami yazutse mu bapfuye ubwiwe, basubira kunanigwa kandi! Kuko bari baciyumvira muburyo bw’iyi si, bwa politike, n’ubwabantu. Ariko bamaze guhabwa ubushobozi bwa Mpwemu Yera, imbono n’inyigisho bica birahinduka ubwonyene. Baca baronka intege zo kwigisha ukuri mu bugwaneza no mu rukundo. Baca babwira ababakikije ko aribo bamwishe, bafadikanije n’ababatwaza igitugu b’abaroma baca baramubamba, Mesiya, kumusaraba (Ivyak 2:23).

Mbega abayuda bari batangaye baciye bishura ngwiki? Ntatakimwe! Nta n’ijambo na rimwe! Nta n’umwe mubari bahagaze aho yavuze asemerera ngo: "Cereza! Hora! Ntitwamwishe, ntitwamubamvye!" ariko barahoze. Ukunuma kw’abayuda kwerekana ko ivyo bintu vyabaye muri kahise bari babizi. Bari baronse akaryo keza ko guhakana ko atakubambwa kwabayeho, bagaca basemerera bavuga bati ni ububeshi. Ariko bose baracecetse. Kuko nibo bari basemereye ngo “Mubambe mubambe!" (Matayo 27:22-26; Yohana 19:15).

Petero n’izindi ntumwa baca bahamagarira abantu kwihana incuro nyishi baca bumira kuri uyu Mesiya yazutse mbere no mu makoraniro yo mw’isengero, igihe bari bahejeje gukiza ikimuga imbere y’inama y’abafarisayo n’abaherezi bakuru. Nta n’umwe haba no mu baherezi bakuru canke abigisha b’ivyagezwe yahinyuje intahe bariko barashinga, kuko bari barimwo mubabonye n’amaso yabo uko Yesu yabambwe. (Ivyak. 2:36; 3:13-15; 4:10; 5:30; 7:52 n’iyindi mirongo).

Umuntu wese atahura ingaruka y’iyi ntahe y’intumwa muri iyi mirongo indwi zo muvyakozwe n’intumwa vyaciye bikura amakenga yose abayuda bari bafise bigaca binagaragaza neza k’umuntu wese afise amakenga ko Yesu yabambwe agapfa ku musalaba ari ivy’ukuri. Aba Islamu barazi ko ata muntu n’umwe ashobora kwitwa umwicanyi ngo ahore kiretse nawene azi ko ari umwicanyi! Iyi mirongo uko ari indwi yerekana vyukuri ko Yesu Kristo yabambwe.

Dutegerezwa kumenya kandi ko intumwa zitashoboye kubona uko Yesu abambwa n’uko azuka havuyemwo ko Mpwemu Yera amaze kwinjira mu mitima yabo yaciye abibemeza. Bari guca bahora, batanashobora no gutahura ivyabaye igihe kirekire.

Uriko urabwira ubutumwa bwiza aba Islamu insiguro zacu mbere n’inyigisho zacu bizogira inguvu nke kiretse igihe Mpwemu azobamurikira mu mitima yabo, nkuko Dr. Martin Luther yanditse, "Ndizera ko ntokwizera Yesu kristo, Umwami, canke ngo ndamuzeko nkoresheje ivyiyumviro vyanje canke ubushobozi bw’ukugomba kwanje, ariko Mpwemu Yera yampamagaye mu butumwa bwiza, bwamurikiye nk’ingabire, buranyeza, kandi bungumizamwo ugutahura nyakwo, nk’uko ahamagara akegeranya abakristo bose bamwizera kw’isi yose aca abagumiza mu kwizera kumwe."

Amasengesho yo gutegura no kwugurura imitima y’aba Islamu no guhindura imitima yabo biciye muri Mpwemu Yera ni igikorwa kingana no gushinga intahe y’ Umucunguzi yazutse, vyateguwe mu guhuza n’ibihe aba Islamu baba barimwo.

7.05 -- Ivyandiko vy’isi kuvy’ukubambwa kwa Yesu

Aba Islamu benshi ntibiteguye kwumviriza intahe ya Bibiriya kuko bigishijwe ko Bibiriya yasibanganijwe. Kuri abo bagenzi bacu bazimiye, na cane cane iyo ari abantu bize amashure, duca turondera uko twozana ibimenyamenya vy’ukubambwa munyandiko zitari iz’abakristo, kuko zozo usanga zivuga bike kuvy’ inyigisho rukristo.

Abanditsi ba kera b’akahise bamenyekana cane baranditse ibijanye n’ivy’urupfu gwa Yesu, umwana wa Yosefu ava i nazareti. Umwe muri bo ni Tacitus mugitabu ciwe, Annals, uwundi ni Flavius Josephus mugitabu ciwe, The Jewish War. Josephus yanditse neza ivy’ukubambwa kwa Yesu ku ngoma ya Pilato mu gitabu VIII, Igice 3:3. Haba mu bikorwa vyiwe vy’akahise bizwi kugwego mpuzamakungu kandi bigaca bitera aba Islamu gusubira kwiyumvira ko urupfu rwa Yesu ari urw’ukuri.

Nico kimwe no kuba Talmud y’ababirigi. Abayuda rimwe na rimwe mububirigi mubakristo no gutanga inyishu bagaca batemera ukubambwa kwa Yesu. Banditse bavuga ko Yesu, umwana wa Yozefu, yapfuye bisanzwe. Ibi bikaba binyuranya n’abakristo b’aba Orthodoxe basaba ko “Izina ryiwe ryibagirane kandi rikanafutwa mu mitwe y’abantu bose. Ngo izina ryiwe ntirigasubire kuvugwa mu bantu bacu!"

Ikindi kivugwa kuri yesu ubisanga muvyo abo ku kirimba i Roma umusaraba munini wari warabajwe mu ruhome n’ umugabo afise umutwe w’indogoba umanitse kuriwo hejuru. Musi y’uwo musaraba ubona umusoda w’umuroma apfukamye asenga awuri munsi abandi basoda b’abaroma bamushinyaguriza. Ibi vyerekana ko n’abanyamahanga b’aba Roma bemera kandi bakanaharira kumugaragaro ko Umucunguzi yagandaguwe na cane cane ko abasoda b’abaroma biboneka ko bari batanguye kumwizera.

Hari ibindi vyerekana ukuri kw’ukubambwa kwa Yesu vyoshobora gutuma buri mu Islamu yiyumvira. Mugihe c’ubutegetsi bwa Jamal Abd-Nasser umu Papa Yohana XXIII Yagerageje gufuta abayuda bariho abahora ko aribo bishe Yesu. Umu presida wo muri Egiputa, yaciye arakara yishura Papa kumbonesha kure no kubindi bimenyeshamakuru: "Twatahuye imigambi yawe! Ugomba gusigura abayuda bose na Isirayeli! Ibi ntavyo tuzokwigera twemera! Turazi abishe Kristo: Abayuda nibo bamubamvye nta wundi n’umwe!" Abarongozi b’aba Islamu, nk’abasenyeri b’abakristo, abapatiri, n’abandi barongozi baritwengera. Birumvikana ko kugira Isirayeri icirirwe urubanza, Jamal Abd al-Nasser yari yiteguye kwemeza ko Korowani yabayeho mu kwihenda!

Wisunze amategeko ya Shari’a abacamanza b’abamenyeshamana ba Kaminuza iri i Kayiro canke iyindi migwi ikorerwamwo ivyigwa vya Islamu boca bagumuka kandi bakanamukosora Nasser ku mvugo yiwe mu kiringo kitarenze ukwezi, atari uko vyoca bifatwa ko vyemewe na bose. Ariko, abo bahinga batinye intwaro z’agacinyizo canke ntibashaka ko Israeli yemerwa. Igikomeye muri ivyo Islamu yiyubara ngo ntitakaze ubudahangagwa bwayo bwoguma mugacerere, ukurikije amategeko ya Shari’a, uba wemeje ko uzi neza ko Yesu yabambwe. Ibi navyo bakaba batorota bavyemera, kubera vyoca binyuranya n’imirongo bazi basigaye banamenyereye yo muri Korowani, kugira bacire urubanza Isirayeri, baca bemera icaha gito!

Uyu musi abayuda b’intagondwa canke abasanzwe, usanga batandukanwa n’uko bemera bakanafatanya n’abayuda b’akame, bose bakaba babana muri ico gihugu ca Isirayeri. Hari bamwe bagerageza kugarukana Yesu ngo bamusubize icubahiro ciwe, aboneke nk’umuvukanyi wabo. Baremeza ko Yesu yavukiye I "Nazareti", baratangara, bibaza ko yoba yagandaguwe n’abasoda babaroma babaganza. Bakaganira ibitangaza vyiwe hamwe n’inyigisho ziwe. Ariko banditse gute bageze kubiraba urupfu gwiwe. Boba barahakanye ukubambwa kwiwe nka Muhamedi? Mbega inyishu yabo yabaye iyihe kuri iki kibazo kidasanzwe? Bagereranya urubanza rwa Yesu ko rwabayemwo akarenganyo! Ntibahakana ko atabambwe. Abayuda bose bavuga rumwe bari guhakana ukubambwa kwa Yesu kugira bikureko iceyi kijanye n’ivy’akahise k’imyaka ibihumbi birenga bibiri (2000), iyaba hariho akaryo nagatoyi ko kubihakana. Ariko basanzwe bazi ko ata muntu ashobora guhakana canke ngo ahindure ibintu vyamaze kuba muri kahise na cane cane arico izonkuru zivugako.

7.06 -- Imirongo ngirakamaro iri muri Korowani ituma bibaza ko Yesu atapfuye

Iyo wihweje ivyo Muhamedi yagiye aravuga kubijanye n’urupfu rwa Isa muri Korowani, uca ubona ibinyuranye n’ugukomantara umutima kubijanye n’umusaraba. Vyatanguye umengo ni ibintu vyumvikana ku rupfu rwiwe ariko munyuma yongera kwerekana ukudatahura urwo rupfu nyene. Nubwo biri uko hari intege nke muri iyi mirongo ivuga umusaraba wa Yesu, ivyo tubereka kugira bizobafashe igihe musangira Ubutumwa Bwiza n’aba Islamu.

Ibikorwa vy’abavugishwa n’Imana ku bana ba Isirayeri vyarerekanywe kandi binahakanwa incuro icumi muri Korowani (Suras al-Baqara 2:61, 87, 91; Āl 'Imran 3: 21,112,181,183; al-Nisa' 4: 155,157; al-Ma'ida 5:70). Imwe muri iyi mirongo ivuga ngo:

"Mu by’ukuri twahaye Musa igitabo, Tunakurikiza inyuma ye (izindi) ntumwa’ Tunaha Isa mwene Mariyamu ubuhamya bugaragara, Tumuha imbaraga tuzinyujije muri Ruuhul Qudus (Ikindi kiremwa citwa Ruuhu kirusha abamarayika bose agaciro). Buri uko intumwa ibazaniye ibyo imitima yanyu ikunda murikuza (ubwirasi n’agasuzuguro bikabatera kuyihinyura). Zimwe mukazihakanya izindi murizo mukazica." (Sura al-Baqara 2:87)

Iyi mirongo yanditswe mugihe ca Muhamedi i Medina. Ntiyigeze ahakana ukugandagura abavugishwa kwagiye kuraba mw’Isezerano rya Kera, ariko abahakana nk’abari kugatwe k’abayuda. Ariko, ntiyigeze yibaza ko umuhungu wa Mariya yoba yaratewe amabuye nawe, mugabo yamufatanije n’abandi bishwe (Suras al-Baqara 2:87; al-Nisa' 4:157). Uvyihweje vyerekana ko Yesu nawe yapfuye.

Urupfu gwa Yesu Muri Korowani
Hari umurongo utangaje uravye muri Sura Mariyamu iboneka ko ari intahe rukristo muri Korowani. Muri iyi mirongo 'Isa yarivuze muri Korowani aca anavuga ubuzima bwiwe muncamake muri Kororwani:

"Amahoro yari kuri njye umusi Navukiyeko, azanambaho no kumusi nzopfiraho, ndetse no kumusi w’imperuka ubwo nzazuka nkongera nkaba muzima." (Sura Maryam 19:33)

Muhamedi yemereye ibi Isa yavuze kugira ashobore gusigura Mariya nyina wiwe kandi no kwerekana ko umwana wiwe ko atari uw’ishushu. Ukuvuka kwiwe bwari Ubuntu n’amahoro Allah yamugiriye. Aha Jambo w’Imana yigize umuntu, na Mwemu Wiwe muri Kristo yiyerekaniye muri Korowani (Suras Āl 'Imran 3:45; al-Nisa' 4:171; Maryam 19:20; al-Anbiya' 21:91; al-Tahrim 66:12 n’ibindi). Kandi ryari nk’ijwi ry’abamarayika mw’itongo rya Betelehemu. (Luka 2:14).

Kristo yabonetse muri Korowani nk’umuntu w’amahoro. Ntiyigeze akora icaha (Sura Maryam 19:19), Ntiyigeze aba inkozi y’ikibi (Sura Maryam 19:32). Ntiyigeze aja mu ntambara, ubwicanyi canke mu bavuga amajambo mabi. Yesu yari uwuzana amahoro, akaba ari nayo nsiguro y’izina Islam. Niwe yari umu Islamu w’ukuri, Umwami w’amahoro.

Uyu Murongo (Sura Maryam 19:33) werekana imvugo igaragara kubijanye n’urupfu rwa Yesu. Aya majambo imisi yose yamye ari ikigoye kuba Islamu basoma. Bagerageje guhisha insiguro baca bandika ko, nta makenga 'Isa ategerezwa gupfa, ariko atari mu buzima bwiwe bwambere yari afise ngaha muri iyi si, ariko igihe azoba yagarutse. Azobanza kugaruka kugira atsinde Antikristo, kandi ace yica ingurube zose hamwe n’imisaraba yose. Munyuma azoca arongora, agire abana kandi ace yinjiza abantu bose idini rya Islamu (Abakristo bose barimwo). Aho niho azoca apfa! Urupfu gwiwe ngo ni ukumenya “isaha yanyuma" (Sura al-Hujurat 49:61). Amaze guhambwa iruhande ya Muhamedi i Medina, Allah ubwiwe azoboneka aje guca urubanza, azure Muhamedi na Kristo mubapfuye abashire kuntebe y’inganji kugira bafashe mugucira imanza amahanga Yose.

Wihweje indimburo y’aya majambo ushobora kumenya neza ububeshi buri muri aya majambo. Umurongo 33 nta jambo "saufa" ririmwo rikaba ari ryo ryonyene ryotuma Isa apfa muri kazoza ka kure, ahubwo ivuga ko ruri hafi, urupfu rusanzwe, mukuvuka gusanzwe, urupfu no kuzuka. Ibindi vyose ni nk’indoto canke ububeshi kugira bahakane urupfu rwa Yesu.

Hariho umurongo ugomba kumera nk’uwu mugice ca Mariam kuvya Yohana umubatizi (Yahya), ushira Isa ku rugero rwa Yahya. Raba, Jibril, intumwa ya Allah yavuze, “Umusi yavukiyeko wamubereye uw’amahoro ndetse n’umusi yapfiriyeho, ndetse no kumusi w’imperuka aho azazugwa akongera akaba muzima." (Sura Maryam 19:15)

Yohana turazi ko yagandaguwe arahambwa. Ibi vyavuzwe mu buryo bumwe nk’uko bavuze ivya Isa: Ukuvuka, urupfu, hanyuma ukuzuka. Hanyuma, kubijanye na Isa abanditse ivya korowani bagomvye kunyuranya urutonde kugira banyegeze ko vyoshoboka ko yoba yapfiriye ku musaraba.

Vyoshoboka kuvuga Isa na Yahya kumwe kwari ukunyegeza kamere k’ubumana kari muri Isa. Ariko naho bimeze uko yararetse Isa arivuga nk’uwutanga ihishurwa rivuye mw’ijuru mugihe Yahya wewe yavuzwe na Gibril. Muri Korowani Isa aboneka nk’uwuhambaye ugereranije na Yahya. Umuhungu wa Mariya aboneka nk’impwemu ya Allah yaje mu mubiri nk’ijambo ryiwe, ryaje ryihindur’umubiri, mugihe Yahaya yavutse ibisanzwe kandi no kubavyeyi bazwi.

Kubwa Korowani Isa yabayeho atagira icaha (Suras Āl 'Imran 3:45; al-Nisa' 4:171; Maryam 19:19 n’iyindi). Kubwivyo ntiyashobora kwicwa namakosa yiwe. Ibi nivyo bitanga insiguro ko yabambiwe ivyacu bigabitanyo araducungura, ahuza Umuremyi n’abantu biwe biciye mu rupfu rwiwe!

Ikizimiza ndenzarugero
Uwundi murongo werekana uko Muhamedi yagiye yiyumvira urupfu rwa Kristo bishobora kuboneka Muri Sura Āl 'Imran:

"Bahemutse, Allah aca arabahemukira, kandi Allah niwe mukuru w’abahemutsi, kubera yavuze: Ewe 'Isa, Nzokureka upfe ndakudugane ndakuzane iwanje." (Sura Āl 'Imran 3:54-55)

Kubwa Korowani abahemu bari abayuda. Bagerageje kwica Isa mw’ibanga, ariko Allah abona uwo mugambi ugayitse imbere yuko bawukora. Naho biri uko Allah yari umuhemu gusumba abo bose aca areka Isa abacamwo mu mutekano ntangere aca amudugana Iwe aho ari.

Ibi ni ibiki "ububeshi busumba ubundi bwose" ubu bwobwo butumye Korowani ivuga ko Allah kamere yiwe ari umubeshi? Yakijije Isa urupfu rubi rwo kumutera amabuye canke rwo kumubamba! Muri ubu buryo Muhamedi yagomvye gufuta umusaraba buhoro buhoro atigeze abicisha mu kanwa. Hari ibintu bitatu bihuye n’ibi “ububeshi ngo barakundana" buca bugaragarira muri uyu murongo. Gukuraho umusaraba wa Kristo Muhamedi yise Allah uwusumvya abandi ubugunge! Bibiriya ikoresha iri jambo ubugunge ku nzoka muri Paradizo (Itanguriro 3:1)! Ashitse imbere y’umusaraba, impwemu ya Islamu yaciye yigaragaza ico iri! Allah aca arabahishurira imbere y’umusaraba ko ari umugunge asumba abandi bose" (khair-ul-maakirin)! Dutegerezwa kumenya ingaruka z’uyu murongo na cane cane tuwuraba ubwacu canke tuwereka abagenzi bacu. Mubanyefeso 6:11-20, Paulo ategeka abakozi bose b’ishengero kutagereranya ubushobozi bahawe n’ubw’abadayimoni, ariko basenge, bizeye bakorera gusa izina rya Yesu no muri Mpwemu Yera. Aho umusaraba wa Yesu uhakanwa, tubarekera isi yabo yo kwiyumvira tukinjira muburyo bw’impwemu n’abadayimoni. Amaraso ya Yesu niyo adukingira yonyene (1 Yoh 1:5-2:2), n’impwemu yiwe nibwo bushobozi bwacu (Ivyak1:8).

Irindi jambo muri iki gisomwa ni "mutawaffika". Allah aravuga, "Nzokurenganya". Iri jambo rifise insiguro nyishi. Rishobora gusigura" guhunika" canke kurangiza "ubuzima bw’umuntu". Muhamedi akoresheje iri jambo yabona ko yoba afashije abakristo hamwe n’aba Islamu. Kuri bamwe yarapfuye, ku bandi ntiyapfuye. Mu vyiyumviro vyiwe yaranyakuwe ajanwa mw’ijuru atababajwe. Muhamedi yagerageje gukoresha ubwenge bwiwe aho bwagera. Ntiyavuga mu buryo bumwe canke bubiri ariko iyo bishoboka yaranavuga mu buryo butatu akoresheje ijambo rimwe ritarenga!

Abanditsi b’aba Turukiya n’abanya Indoneziya bahinduye iri jambo ryo muri Korowani "Nzokureka upfe mu mahoro", kuko iri niryo jambo ryegeranye cane n’ijambo ry’akame. Abandi banditsi, bahura n’ingorane y’iri jambo kugira banezereze abanditsi b’aba Islamu.

Muhamedi yakunda kuvuga, "Intabara ni uguhemuka!" Intambara nyeranda, ifatanije no guharira n’aba Kristo hamwe n’abayuda, vyuzuye ubugunge n’ububeshi. Twategerezwa guhindura ingendo tukagira ubwenge! Si ibintu vyose aba Islamu bavuga bisigura uko bivuga!

Muhamedi amaze kuvuga ko umusaba wa Kristo ukuweho mbere ukanarandurwa akoresheje "ubugunge burimwo ububeshi" bwa Allah, yaciye yiruhutsa aca agomba kunezereza umugwi w’abakristo bari baje kuriwe bavuye muri Yemeni ya ruguru, uwo (ugereranije ubuzima bwa Muhamedi uko bwanditwe na Ibn Hisham) bari baje kuganira nawe kubijanye n’ivyizerwa i Medina. Yaciye atuma Allah amuduza 'Isa iwe! Iri ni ijambo ridasanzwe muri Korowani. Kristo ni muzima! Muhamedi yarapfuye ! 'Ndavye ivyo Korowani ivuga uyu musi Isa ni muzima arikumwe na Allah baganira nawe uko bukeye uko bwije. (Suras Āl 'Imran 3 :55 ; al-Nisa' 4 :158 ; al-Ma'ida 5 :110-111,116-118 ; al-Anbiya' 21 :28 and others). Muhamedi, wewe naho biri uko ararindiririye mu kuzimu, (Barzakh) ngo azozurwe mu bapfuye ku musi w’urubanza. Iki nico gituma aba Islamu bose bategerezwa kumusengera, ngo aronke amahoro, igihe cose bavuze izina rya Muhamedi (Sura al-Ahzab 33:56).

Impwemu iri inyuma ya Islamu irihanganira ko Kristo ari muzima kandi ko azogaruka, bakagerageza kuvyinjiza mu kwizera kwa Islamu, ariko bikabananira uko botahura umusaraba n’ubumana bwiwe! Kubw’ivyo, Paulo na Yohana ivyo bavuze biraraba Islamu nayo (Galatiya 1:8-9; 1 Yoh 2:21-27; 4:1-5). Umujanabutumwa wese aganira n’aba Islamu ntategerezwa kubagira abagenzi gusa ariko no kubasengera ngo bave mu ngoyi babohewemwo. Muhamedi yarazi ni kubera iki yishirako abamukurikira ngo babe abagenzi biwe uko baba kwose mbere niyo boba ari abo mukwizera gutandukanye na cane cane abakristo (Suras Āl 'Imran 3:28; al-Nisa' 4:89; al-Anfal 8:73; al-Mumtahana 60:1,9). Ntitwategerezwa gutinya guhura n’aba Islamu, kuko umuhezagiro wa Kristo urakomeye gusumba umuvumo wa Muhamedi (Matayo 5:44-45; Suras Āl 'Imran 3:61; al-Tawba 9:29 n’iyindi)!

Ijambo risigura kumwe rindi ni "gusinzira neza" rishobora gukoreshwa ku rupfu rwa Kristo mukugaruka kwiwe muri Korowani (Sura al-Ma'ida 5:117). Aho rero, Umwana wa Mariya avugana na Allah ubwiwe mu biganiro bisanzwe, amaze kuduzwa kandi akanemeza ko mushobora vyose ariwe yamwijaniye agaca anafasha abigishwa biwe mu kibanza c’iwe. Urupfu rwa Kristo rwerekanwa uburyo bubiri muri Korowani, nka kubu ka hafi ahandi nkurwabaye, muri kahise. N’uko umusomyi wa Korowani yategerezwa kumenya neza adakekeranya ko Yesu atabambwe, ariko ko yamutwaye iwe atarinze kubabazwa!

Ihakana ryanyuma ry’ukubambwa kwa Kristo
Umurongo umwe utarenga muri Korowani uhakana ukubambwa kwa Isa (Sura al-Nisa' 4:157) werekanye aho muhamedi yagejeje gutahura ingendo yiwe kubijanye n’urupfu rwa Kristo. Uyu murongo waciye ufuta iyindi mirongo yose yatanguye "guhishurwa", asangwa birekuwe, kurondera uko ukubambwa kw’umuhungu wa Mariya kwozimanganwa burundu. Uku guhakana urupfu rw’umubabaro rwa Kristo kwavuzwe mu buryo bw’amakenga, kugire bitume abantu babikekeranya bace babiha insiguro itariyo. Muri Sura al-Nisa' dusoma:

"Abayuda bavuze bati, 'Nitwe twishe Masihi Isa (Yesu) mwene Mariyamu intumwa ya Allah kandi bataramwishe canke ngo banamuhambe, (ahubwo ari uwundi muntu bishe baranamuhamba) wari wahawe ishusho isa n’iye. Mubyukuri abajya impaka kubya Isa (Yesu), Bamwe bavugako yahamwe abandi bavugako yajanywe mw’ijuru, abo bose bashishidikanyaho ntan’umwe afise ico abiziho usibye ko ibyo bavuga ari ugukeka gusa mubyukuri ntan’ubwo bigeze banamwica. Ahubwo Allah yaramuzamuye amajyana Iwe, kandi Allah ni Azizun (uganza akagira ububasha bwose) hakiimun." (Sura al-Nisa' 4:157-158)

Iki canditwe kirimwo imitego myinshi:

● Biboneka ko abayuda b’i Medina bashobora kuba baratuye kumugaragaro ko Umwana wa Mariya yari Mesiya w’ukuri akaba n’intumwa ya Allah! Ntibizeye ukuvuka kwiwe ku nkumi, ntibanizera mbere n’uko yaje yambaye umubiri. Baramuhakana ko atari Mesiya baca banamwita ko akorana na Beezebuli, ikigigwamana cari gikomeye (Matayo 12:22; Mariko 3:22-27; Luka 11:14-23). Iyi mvugo ya Korowani ntishobora kuba yavuye kubayuda, Kuko batigeze bemara Yesu ko ari intumwa y’Imana, bobo banagomba ko iryo zina ritaguma rivugwa ahubwo ryibagiranwe burundu.

Vyerekana ko abayuda bagomba gutsinda Muhamedi ngo ntanasubire no kubiyumvira, ko boba ari nabo bonamwica nk’uko bishe Mesiya wa Korowani ‘Isa’. Birashoboka ko bakoresheje iri jambo ngo bamuheme banikureko iceyi.

● Muhamedi abayuda bama bamugora i Mediina, mbere n’abadandaza b’i Maka. Ariko yaca yiremesha mukuvuga, "Allah n’umwizigirwa. Ntiyashobora gutanga umwizigirwa nka Isa ku bayuda. Aho vyaca vyumvikana ko nawe azogwa mu maboko yabo." Kubera ko Allah ari umwizigirwa ku mutekano wiwe, aca yihakana ivyo bamurega aca abishura ashavuye, "Ntibamwishe! Ntibamubamvye!"

● Muhamedi ntaho yigeze avuga ko Yesu atigeze yicwa ngo anabambwe. Yavuze ko gusa atari abayuda bamwishe canke ngo banamubambe! Ngira yari yumvise ko abayuda batabamba abansi babo, ariko ko babica babatera amabuye. Kuntwaro y’agacinyizo y’abaroma ntan’uburenganzira bari banafise bwo gucira imanza zo gupfa abandi ngo bateko banamwice. Kubw’ivyo haraho Muhamedi ivyo yavuga vyumvikana! Abayuda ntibishe ngo banabambe Yesu! Iyi mvugo yo muri Korowani, muri ubu buryo turavyumvikanako kandi bishobora kugabanya agashavu kari hagati y’aba Islamu n’abakristo.

Kwisi yose birazwi ko abaroma babamvye ibihumbi vy’abagumutsi n’abaja mbere n’abicanyi b’abanyamahanga. Uyu murongo ushobora kuvuga ko atari abayuda ariko ari abaroma babamvye Yesu. Uyu musi aba Islamu bidegemvya, bagomba guhuza n’abakristo, baragerageza gusigura Korowani muri ubu buryo kur’uyu murongo.

● Muhamedi yakoresheje ikintu kitamenyerewe mu kuvuga ko Kristo yahinduwe haza uwusa nawe abambwa mu kibanza c’iwe abayuda babona ko ariwe (shubbiha lahum). Yahakanye ukubambwa kwa Kristo nk’ivyabaye muri Kahise, ariko yemeza ko babamvye uwusa nawe nk’uko umengo yoba yabaye Igisigo.

Muhamedi ashobora kuba yari yarumvise ubudumbidumbi bw’abakristo mukiyaya ca Nile bavuga ko bitoshoboka ko Imana ihambaye yaje mw’ishusho y’umuntu akanashitsa ivyo abantu bakenera. Bizera ko Imana ishobora kuboneka mw’ishusho y’umuntu, ariko itabaye umuntu neza. Baranigisha ko Kristo, ari Imana, atashobora gupfa canke ngo abambwe, ariko vyabonetse gutyo! Aho Muhamedi yumva izo nyigisho z’ikinyoma yaciye abona ako karyo aca aravuga, "Bagorwa b’abakristo! Bibaza bakanizera ko Kristo yabapfiriye kumusaraba, ariko vyababonekeye nk’uko. “Ntiyigeze abambwa! “Muhamedi ibihe bitari bike yagiye azimagizwa n’utudumbidumbi tw’abakristo.

Abanditsi b’aba Islamu bagerageje gukorera kuri iri jambo ngo barisigure mu buryo abantu babo baritahura " Babonye ko umengo niko vyabaye". Iyindi nkuru itumvikana iguma izunguruka mu bindi bihugu bitandukanye muba Islamu uyu Musi:

- Bamwe bavuga: Simoni umunyakurene yategetswe n’abasoda b’abaroma gutwaza umusalaba Yesu yari yamaze kuruha. Bashitse muri ico kibanza, baciye babamba Simoni aho kubamba Yesu wa mwana wa Mariya aca agenda yidegemvya.

- Abandi bavuga ngo: Allah n’umunyakuri! Yahinduye ishusho ya Yesu ayishira kuri Yuda, kugira Yuda ace abambwa. 'Isa, nahobiri uko, ninde nawe yaciye asa na Yuda, ace agenda atababaye. Aho abakristo b’aba Orthodox bumviye izo nkuru, baca baravuga bati : " Wibaza ko Mariya Nyina wa Yesu, ahagaze musi y’umusaraba, ko atashobora gutandukanya umuhungu wiwe na Yuda amanitse hejuru yiwe. Canke wibaza ko allah yari guca ibijuju abagore bose bo muri iyi si (Sura Al 'Imran 3:42) kugira agandare agandariye uwutariwe, mugihe umuhungu wiwe yamaze kwihungira? Ibi vyose ni ibihuha bitagira aho bihagaze".

- Abandi bavuga: Kristo yarabamwe vy’ukuri. Hanyuma haza ubwirakabiri muri ico gihugu, abantu benshi baca baja kwinyegeza batinya amadayimoni. Hanyuma haza ukunyiganyiga kw’isi kubatera ubwoba bose, mbere n’abasoda b’abaroma baja kwinyegeza. Igihe bose bari bamaze guhunga, Yesu abambwe ku musalaba wenyene, aca arururuka kuri uwo Musaraba (Aba Ahamadiya bavuga ngo yaciye ahungira Kashimir, aca ahapfirayo urupfu rusanzwe. Igihe twaja mukigo c’imico ndangakaranga cabo kumva ya ‘Isa i Srinagar, twariboneye n’amaso yacu ko, uwahahambwe atari umuhungu wa Mariya, ariko yari sekuru w’umuryango w’abatunzi b’i Kashimir, umushehe yitwa 'Isa, akadumbidumbi kaba Ahamadiyya karihenda bibaza ko Yari Isa Kristo.

7.07 -- Ubuntu bwo kwemera icaha

Ugerageje kwemeza aba Islamu ibijanye n’ukubambwa kwa Yesu nk’uko ari inkuru zabaye ntakamaro bigira iyo batakubajije insiguro. Ingorane nyamukuru mu gikorwa co kubwira ubutumwa aba Islamu ni ingorane y’ukwizera ko ata mucunguzi bakeneye, umuhuza cange ikimazi c’impongano. Ntibatahura ivyaha bafise. Bibaza ko bopima ivyaha vyabo bakabisubiriza ibikorwa vyiza. (Suras Hud 11:114; al-'Ankabut 29:7; al-Fatir 35:29-30). Nta kamaro bimaze gusigura umusaraba wa Kristo, mugihe bibaza ko badakeneye umucunguzi. Bizera ko babereye ubwabo!

Ugerageje kubereka aho bazimiriye n’urubanza bazocirwa, nk’abandi bantu bose, bibafasha gusumba uko wobereka ivyemeza ko Yesu yapfuye ku musaraba. Bategerezwa kumenya gose ko hamwe Imana itobijamwo ko bose boherera muri gihenomu!

Amazaburi y’ukwihana aradufasha aho twohera mukuvuga uku kuri (Psalms 6:2-10, 32:1-11, 38:2-32, 51:3-19 n’iyindi). Tubasaba bishoboka umu Islamu amenye kumutwe Zaburi 51, kugira ivyo muvuga vyose bibemwo impwemu yo kwihana. Ukwizera kw’aba Islamu ntikurenga ku mutwe ngo kuje mu mutima, ariko ni igihushane, biva mu mutima bija mu mutwe. Ukwo ni ukuri kunyegeje.

Igihe uwahoze ari umu Islamu yasabwe gusubiramwo Zaburi 51 hari kuri Radiyo, ngo ayisubiremwo uko basanzwe bahibongoza Korowani, amosozi yamutanze ku maso. Ntiyasomye ico gice gusa, acihweje, ariko yaragisenze aca anamenya ko nawe ari umunyavyaha. Zaburi 51 n’ishure ryo kwihana kuri twese. Itwereka abo turi. Iyi miromgo irimwo uburongozi bufasha buri muntu wese kwumva ko yikwije:

Ps 51:3 Abanyavyaha aha muri Zaburi 51 basaba imbabazi n’ubuntu. Dawudi yatahuye ko ata burenganzira afise bwo guhabwa ikigongwe. Yasavye ko Imana yohanagura ivyaha vyiwe vyose, atari amakosa amwe amwe, kandi abikore kubw’ikigongwe c’Imana kitagira akagero.

Ps 51:4 Yumvise acafuye mu mubiri wiwe, Mu mpwemu no mubugingo, aca asaba kwozwa ivyaha vyiwe yakoze.

Ps 51:5 Yamenyanye umubabaro icaha ciwe gikomeye. Kimunyikiza. Mpwemu Yera ntamuha agahengwe. Ntashobora kwiyumvira neza canke ngo asinzire mu mahoro!

Ps 51:6 Yaratahuye: Icaha gisigura kugarariza ku Mana, umuremyi ari nawe mucamanza. Yamenye ko icaha atari ikosa canke ikintu kibi wakoze gusa, ariko ari gucumura ku Mana no kuyitesha agaciro. Arihana: "Urumunyakuri, urwo uncira rwose. Nemeye icaha canje nca nta uburenganzira bwanje."

Ps 51:7 Narononekaye. Kuva nkiri munda ya Mama, Navyaranywe kamere y’icaha n’impwemu ya ba sogokuruza. Nononekaye kuva nkiri muto. Umubiri wanje, impwemu yanje, umutima wanje, ukugomba kwanje vyose ni ibinyavyaha.

Ps 51:8 Mana yanje, ukeneye kwumva ukuri. Ndihanye ivyaha vyanje vyose vyihishije mu mutima. Kuko wanyeretse uwondi vyukuri.

Ps 51:9 Nyoza imbere n’inyuma. Nyoza icaha canje, kugira nshobore gusubira kwera nka sheregi.

Ps 51:10 Nsubizamwo umunezero, kuko ukudendebukirwa si inyishu y’ibibazo vyanje. Wakuyeho ubwibone bwanje, ariko uracashoboye kunsubizamw’intege indani muri jewe.

Ps 51:11 Ntiwihishe, vuga ijambo na rimwe kuri jewe, Mbabarira, futa usibanganye ibigabitanyo vyanje!

Ps 51:12 Ncitse intege! Ukundemamwo umutima musha nivyo vyonkiza:

12 Ndema mw’umutima musha, Mana Yanje, unshiremw’umutima ushize icira.
11 Ntunyirukane imbere yawe. Ntunkureko Pwemu wawe Yera. subizamw’umunezero w’agakiza kawe, utume ndakwumvira.
14 Unkize umwenda w’amaraso y’umuntu, Mana, we Mana y’agakiza kanje; niho ururimi gwanje ruzorenza ijwi ruririmba ukugoroka kwawe.'''

Twategerezwa gusaba Ubuntu bw’Imana ngo butume aba Islamu babona ivyaha vyabo haba muri ubu buryo canke mu bundi buryo. Iyi zaburi ishobora gufasha umuntu wese asenga ngo yihane, kugera abonye ko umutima uciye bugufi ariwo wonyene uhimbara Imana.

Abandi bakozi ba Kristo bakoresha amabwirizwa icumi, Icaha ca Adamu (Itanguriro 3:1-4,16) bagaca baja kuvyo Yesaya yeretswe Yesaya 6:1-8 kugira bafashe aba Islamu bishira hejuru bibaza ko bakwiriye. Igihe Yesaya yabona ubwiza bw’Imana, umuvugishwa yubashwe w’umuherezi agira ubwoba: "Ewe jewe ndagowe, Mbonye ibara, ndapfuye, kuko nd’umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y'abanyaminwa yanduye, kuko amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho nyen’ingabo." (Isaiah 6:5)

Twategerezwa gusaba Yesu ngo yiyereka abo ba Islamu bikunda, kugira bacishwe bugufi, kugira batahure urukundo ruhambaye n’ubweranda bw’Umwami ngo bamusabe ikigongwe. Ataratahura icaha ciwe bizogorana kugira yihane canke guharirwa icaha. Ni naco gituma dutegerezwa gusigurira aba Islamu ivy’icaha imbere y’uko tuvugana ivy’umusaraba. Kumenya ivyo, biguma ari ingabire y’ubuntu iva kumucunguzi (Rom 2:4). Dutegerezwe kuyisengera.

Aba Islamu bose bazoja muri Gihenomu?
Hari umurongo w’agacamutwe muri Islamu wemeza aba Islamu bose ko bategerezwa kuja muri Gihenomu! Umuriro niryo herezo ryabo. Muri Sura Maryam Muhamedi yatangaje aba Islamu bose:

Nta n’umwe murimwebwe atazaja muri Gihenomu.
Iri ni itegeko ryavuye kuri Allah.
Munyuma azokurayo abamwubaha agumizeyo abanyavyaha.
(Sura Maryam 19:71-72)

Abakozi b’Imana bavuga ko aba Islamu batari bake bikebutse baratahura bahahamurwa no kwumva ibi. Ivyizigiro vya Islamu vyo gukira uwo muriro bibaza ko ari ugukurikiza Sharia, ibwirizwa nshingiro rya Islamu. Yesu niwe Yaciye muri iyo gihenomu kubwacu, kugira urubanza ntiruzodutsinde (John 3:18-23; 5:24 n’iyindi). Urukundo rwiwe rwerekana ukwikunda kwacu, ubwibone n’icaha, kugire mu buntu twemere twakire agakiza kiwe n’ubuzima bwiwe bw’ibihe bitazoshira.

7.08 -- Umwagazi w’Intama w’Imana

Mu gihe Yesu aha umu Islamu ubuntu bwo kubona ko ivyaha vy’iwe no gucirirwa urubanza, twategerezwa guca tumwereka umwagazi w’intama w’Imana nk’inyishu, kuko Ukuraho ivyaha vy’abari mw’isi, haba n’ivyaba Islamu nabo (Yoh 1:29-34; 1 Yoh 2:1-2 n’iyindi).

Ku musi mukuru wabo wa Adha, barangije urugendo rwabo rweranda rw’i Maka, kandi bakabikorera rimwe mubihugu vyose, aba Islamu barabaga imyagazi y’intama, impfizi z’intama, ingamiya imw’imwe muri buri muryango, kugira umugisha wa Allah ugume kuribo. Naho biri uko, ntibazi insiguro y’ishikanwa ry’amaraso riri mw’isezerano rya Kera, canke ko ibi bisubiriza ivyaha vyacu bikanabahuza kubw’amaraso yasesetse. Vyofasha aba Islamu batari bake kubigisha ivyagezwe kuvy’icaha n’ibimazi vyoshejwe mw’Isezerano rya Kera (Abalewi 4:4, 14, 24, 33 n’iyindi mirongo), canke kubijanye n’impene yarekurirwa mugahinga ku musi mukuru w’ugusubiza hamwe (Abalewi 16:6-10). Kugira begerane ku mana y’ukuri kandi Imana Nyeranda, bagatahura neza intumbero yo gutanga ibimazi kuri ibi bikoko mw’Isezerano rya Kera.

Ukurimbura ku mwagazi w’intama wa Pasika nk’uko Yesu yabikoze ariko aratanguza ingaburo Yera ku bigishwa biwe vyoshobora gutuma babona ukwiyuzuza gukwiye n’Imama biciye mu gutanga ikimazi kwa Yesu Kristo.

Imirongo ikomeye yerekana uko wotahura ukanizera ibijanye n’Umwagazi w’Intama w’Imana iguma iri mu vyahishuwe mw’Isezerano rya Kera” Umukozi w” imana": Yesaya 53:4-12. Ubu Butumwa Bwiza buri mw’Isezerano rya Kera bwabaye ubudutera gushikama kandi bukaba bwarafashije abarondezi batari bake ngo baronke gucungurwa ku buntu, igihe imitima yabo ibagiriza ikibi. Ukwizera kibiriraho kw’umunyabigega w’umwamikazi Kanidake yava muri Etiyopiya ni ikimenyetso kigaragara c’ibi. (Ivyak 8:26-39).

Ikindi ushobora gikoreasha aya majwi y’itegeko Imana yahaye Aburahamu ryo kudatanga umwana wiwe Isaka. Allah aramubwira:

"Maze tumucunguza ikimazi gihambaye (arico coguturigwa umwagazi w’intama uba ariwo utangirwa kw’ikimazi Allah)." (Sura al-Saffat 37:107)

Iri ryungane ry’itegeko rihinyuza inguvu zose Muhamedi yokora muri Korowani mu gusubiza hamwe na Allah. Ibi vyitwa "ihishurwa" ryemeza ko hariho uburyo bwo gusubiza hamwe na Allah biciye mu kimazi cosejwe! Ugucungura Isaka ntikwashikijwe n’ukwizera kwiwe, canke n’ibikogwa vyiwe ariko biciye ku buntu! Ni vyiza ko tumenyesha aba Islamu uyu murongo ngirakamaro uri muri Korowani, kuko uvuga ikimazi “kidasanzwe", ibi vyashitse imbere y’uko umwagazi w’intama nyawo utangwako ikimazi. Kugera n’uyu musi aba Islamu baragerageza kumenya ninde canke igitangaza ndengarugero co gusubiza hamwe n’Imana mugukiza Isaka. Turazi iryo banga: Yesu Kristo niwe mwagazi w’Intama w’Imana, ukuraho icaha c’abari mw’isi. Yarakijije abana ba Aburahamu.

Aba Islamu bamwe baharira bavuga bati umwana wiwe yatanzwe kw’ikimazi ngo ni Ishimayeli, atari Isaka, Mukugira umuhezagiro wimuke uje mu barabu no kuba Islamu (Sura al-Saffat 37:8-14). Ikindi mwomenya n’uko muri Korowani batigera bavuga iryo zina ry’uwo mwana wa Aburahamu yagomba atangweko ikimazi. Kugera mugihe ca al-Tabari, umwanditsi w’umu Islamu niwe yavuze ko Isaka ariwe yatanzwe kw’ikimazi. Munyuma niho badutse bavuga ngo ni Ishimayeli.

Intagondwa z’aba Islamu, zitari zike, zivuga ko Korowani ivuga incuro zitanu kuvyerekeye iryo Jambo (Suras al-An'am 6:164; al-Isra' 17:15; Fatir 35:18 al-Zumar 39:7; al-Najm 53:38):

"Iyo wikoreye umutwaro (w’ivyaha) ninde yomukurako ivyaha ko atawuzo kuraho ivyaha vya mugenziwe." (Sura al-An'am 6:164)

Uyu murongo werekana neza naho bitagaragara neza ko ata muntu nawe agowe n’ivyaha ashobora kuruhura uwundi ivyaha vyiwe. Mukwishura ibi utegerezwa kumenya ko Korowani yagumye yerekana ko Kristo ata caha yari afise; ibi vyanagaragajwe n’iduga ryiwe mw’ijuru (Suras Āl 'Imran 3:44,45; al-Nisa' 4: 158,171; Maryam 19:19; al-Anbiya' 21:91; al-Tahrim 66:12 n’iyindi mirongo). Tubonye ubu bweranda bwa Kristo bisigura ko iyi mirongo yose uko ari itanu ivugako atawocungura uwundi yoca ikoreshwa mu gusigura igihushane: "Uwutagira icaha ashobora gucungura abanyavyaha ivyaha vyabo!"

Yesu yitanze nk’ikimazi mu rukundo kubanyavyaha bose niwe yoba ivyizigiro vy’aba Islamu bacitse intege. Izina rya Yesu nico gikogwa nyamukuru: "Azokiza abantu biwe ivyaha vyabo." (Matayo1:21) urupfu rwiwe nirwo rwatumye tugirirwa ubuntu twese. Isezerano rya Kristo rirahagije: "Humura, mwana wanje, mukobwa wanje! Ivyaha vyawe urabihariwe!" (Matayo 9:2; Luka 7:50 n’Iyindi)

Muhamedi ntiyubahutse iryungane nk’iryo. Ntiyigeze yibaza gupfira aba Islamu bose. Urupfu rwiwe rwari kuba urw’ubusa, kuko Allah yagumye amubwira incuro zitari zike ngo yisabire uguharirwa ivyaha vy’iwe (Suras Ghafir 40:55; Muhammad 47:19; al-Fath 48:2; al-Masad 110:3).

7.09 -- Intahe ivuye muvyo wabayemwo

Mpwemu Yera amaze gutangwa, ivyavuye kukuba ikimazi kiducungura, Abigishwa barakiriye baratura ku gucungurwa biciye mu rupfu rwa Yesu ruciye mu rukundo rwiwe. Intumwa Paulo Yaratuye: "Muzi yuko ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi mwatojwe na ba sokuruza atari ibishira; nk’ifeza canke inzahabu; ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini nk’ay’Umwagazi w’Intama utagira agasembwa canke ibara, ni yo ya Kristo." (1 Peter 1:18-19)

Intumwa Yohana yandiyse ubutumwa bwiwe: "Ariko tugendere mu muco nkuko nayo iri mu muco, tuba dufatanije ubwacu, kand’amaraso ya Yesu umwana wayo atwoza icaha cose. Tuvuze yuko ata caha dufise tuba twizimiza, ukuri ntikiuba kuri muri twebwe. Nitwatura ivyaha vyacu niyo yo kwizigigwa kand’igororoka, ivyo nivyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose." (1 John 1:7-9)

Intumwa Paulo Yavuze: "Kuko Ijambo ry’umusalaba kubahona ari urupfu, ariko kuri twebwe abakizwa n’ubushobozi bw’Imana. Ariko tweho tubabarira ivya Kristo yabambwe uyo kubayuda n’ikigwisha, kubanyamahanga n’urupfu ariko kubahamagagwa b’abayuda n’abakgiriki, ni Kristo, ubushobozi bw’Imana, kandi n’Ubwenge bw’Imana." (1 Korinto 1:18, 23-24)

Rev. Iskandar Jadeed yaratuye, "Nkiri muto nagize ingorane n’abagore bane data yari afise mbere n’impari zama murungo zacu uko ari zine zisanzwe ziba hamwe. Nca ntahura ivyo Yohana yanditse bivuye kur izo mpari: "Kubw’urukundo Imana yakunze abari mw’Isi arigwo gwatumye itanga umwana wayo w'ikinege ngo uwumwizera wese ntazapfe rubi, ariko aze ahabwe ubugingo Budashira." (John 3:16)

Mubuhindi umukenyezi atari ashoboye gusoma canke kwandika yibarutse abana icumi na babiri bamubajije ko yobatizwa, igihe umugabo wiwe yari amaze kuba umukristo. Umukenyezi wiwe yaripfuza cane ko yobatizwa, aca abona ko biyumvira ko yobikora ngo anazereze umugabo wiwe. Bamubajije igituma nk’umukenyezi w’umu Islamu yama abaza ivya batisimu, aca abaza amwihweza, "Yesu yambabariye ivyaha vyanje vyose ku musaraba aca ashira ubugingo budashira mu mutima wanje."

Mbega intahe yawe ni iyihe?
Ni uwuhe murongo wo muri Bibiriya werekana ukwizera kwawe gusumba iyindi? Wovuga iki Uwagupfiriye ku musaraba? Reka dufate akanya twiyumvire, dusenge, kubijanye n’intahe ku bagenzi bacu b’aba Islamu mu bihugu vyacu. Igitigiri cabo kiguma kigwira. Nta kintu wumva mu mutima wawe woshobora gusangira nabo ku buryo bishobora kuborohera kubitahura?

7.10 -- UTUBAZO

Mwenenedata Musomyi!

Nimba wize neza aka gatabu, urashobora kwishura ibibazo vyoroshe ibibazo bikurikira. Umuntu wese yishura neza 90 kw’ijana y’ibibazo vyose muri ubu butabo umunani vyo muri uru rukurikirane, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo rw’ikigo cacu.

Inyigisho Zisumbuye
Munzira zifasha mukugiranira ibiyago n’aba Islamu Kuvyerekeye Yesu Kristo

nk’ibigutera intege mubikorwa vya kazoza kuri kristo.

  1. Kuki abenshi muba Islamu bibaza ko ukubambwa kwa Yesu ari nk’iciyumviro?
  2. Kuki aba Islamu bamwe bamwe bibaza ko yoba ari Yuda yabambe aho kuba Kristo?
  3. Korowani ibisubiramwo incuro zingahe ngo "Ngo nta muntu yikorera icaha c’uwundi"?
  4. Kuki aba Islamu bavuga ko Allah ashobora guharira ivyaha uwo agomba, aho agombeye kandi ko atakimazi akeneye co gusubirira icaha?
  5. Kuki aba Islamu bafise ivyizigiro (vy’impfagusa) ko ibikogwa vyabo vyiza bizozimanganya ibikorwa vyabo bibi?
  6. Ni kurugero uruhe ukwizera kw’aba Islamu kuvy’ivyategekanijwe binyuranya n’ukwizera kw’agakiza muri Kristo?
  7. Kuki umusaraba uguma ari "umuziro" kuba Islamu bose, n’aho boba umengo niba ntaconezwe kuvya Korowani na Shari’a?
  8. Mbega bifise ingaruka iyihe mu buryo bw’impwemu igihe ku kuri ko aba Islamu baboshwe n’impwemu izira umusaraba?
  9. Kuki Yesu yafatiye akarorero ku nzoka y’umuringa Mose yamanitse mubugaragwa agomba kuvuga ko ata gakiza gashoboka atamanitswe ku musalaba? Mbega Yesu yabambwe nk’ikimenyetso c’ikibi cose nk’inzoka?
  10. Mbega umwagazi wa Pasika uzanira iki abaheburayo b’abaja muri Egiputa kandi ni kubera iki Yesu ariwe mwagazi wa Pasika wacu? Azodukingira ikibi kihe canke ni kubera iki dutegerezwa kurya umubiri wiwe?
  11. Ni ubuvugishwa ubuhe ushobora gusanga muri Zaburi 22 bwashikijwe na Yesu uravye mu Butumwa Bwiza? Ni ubuhe muri ubu buvugishwa bwoshobora gufasha umu Islamu mugutahura ko Kristo yabambwe vy’ukuri?
  12. Kuki Yesu yasenze, "Mana yanje Mana yanje n’iki kikumpebesheje?" Mbega vy’ukuri Se yari yamuhevye? Mbega ubumwe bw’ubutatu bwoba bwarigabuye kubw’ukubambwa kwa Kristo? Iri sengesho risigura iki?
  13. Kuki amajambo ari muri Yesaya 53: 4-7 arimwo ivyemeza ko amasezerano yo mw’isezerano rya Kera yerekana ko Yesu ariwe musubirizi? Mbega warafashe aya majamabo ku mutwe?
  14. Mbega intete z’ifeza mirongo itatu zisigura iki muvyo umuvugishwa Zakariya yahishuriwe kandi ubuvugishwa bwiwe bwashitse gute mw’Isezerano Rishasha? Mbega Yesu ni Yhwh, Umwami?
  15. Kuki mu butumwa bwa Matayo 20:28 bukenewe cane kandi bushobora guhindura imico n’imigenzo mu bibano vyose?
  16. Kuki Yesu atanyegeye canke ngo ahungire muri Libani yanke Siriya igihe yari amaze kumenya ibimurindiriye i Yerusalemu?
  17. Hari itandukaniro irihe hagati y’isengesho ryambere n’irya kabiri rya Yesu mw’itongo i Getsemane?
  18. Kuki Yesu amaze kuzuka yasubiriye gukoranya abigishwa biwe bari bamutaye ngo abigishe ko vyari ngombwa ko apfira ku musaraba uravye mw’isezerano rya Kera?
  19.  Bamaze kuronka ubushobozi bwa Mpwemu Yera Petero n’izindi ntumwa bishuye abayuda ngw’iki? Mbega ukunuma kw’abayuda kuvyo bagirizwa bisigura iki?
  20. Kubera iki aba Islamu ubwabo umengo ntibishoboka ko bizera ukuri kw’akahise kubijanye n’umusaraba wa Yesu n’agakiza kashikijwe muriwe? Mbega twobingingira kuri Data ngo abakorere iki?
  21. Kubera iki ibitabu bidonda ivya kahise nk’ivya Tacitus na Flavius kuvya Yesu no kuv’ururpfu gwiwe n’umusaraba bikomeye kuba Islamu?
  22. Mbega ukuri kuboneka muri graffiti (ivyimbwe kuruhome) umuntu amanitswe ku musaraba afise n’umutwe w’ingamiya munzu yo ku kirimba c’iroma?
  23. Kuki Jamal Abd Al-Nasser yemeje akoresheje ubuhinga ngurukanabumenyi butandukanye ko aba Islamu bazi neza uwabamvye Yesu? Mbega ingorane zica zitegwa n’iki cemezo ni izihe?
  24. Mbega Ibitabu vyo mugihe ca none vy’abayuda vyerekana iki kubijanye n’ibambwa?
  25. Mbega Kororwani yerekana ko abayuda bishe abavugishwa incuro zingahe? Kuki none Muhamedi, anyuranije n’ivyiyumviro vyiwe, yahakanye urupfu rwa Yesu Kristo?
  26. Wihweje intahe zitarizo ziri muri Sura Maryam 19:33 Mbega Yesu avuga ibiki mw’ivuka ryiwe no ku rupfu rwiwe? Mbega iyi mirongo idasanzwe yo muri Korowani twoyiha insiguro ya Bibiriya iyihe?
  27. Mbega ivyo bihuriyeko n’ivyo bidasangiye bibonekera hehe muri izi ntahe uko ari zibiri zitandukanye hagati ya (Sura Maryam 19:33) n’ivyo Djibril Yanditse kuri Yahya (Sura Maryam 19:15)?
  28. Kuki Allah bamwita "Umuhemu mukuru w’abandi" na cane cane hageze mu rupfu rutababaza? Mbega Bibiriya ibi ibivugako iki? 
  29. Mbega ubuhemu bwambere bwa Allah kubijanye n’abaheburayo n’abayuda bubonekera hehe?
  30. Mbega Muhamedi yagerageje gute kunezereza aba Kristo n’aba Islamu akoresheje iryungane rimwe gusa rivuga ivy’urupfu rwa Kristo? Mbega uburyo bubiri aya majambo ashobora gusigurwamwo ni ubuhe?
  31.  Kuki Korowani ivuga ko Yesu Yaduze mw’ijuru kwa Allah ariko agahakana ukubabazwa kwiwe mu rurpfu?
  32. Ni ibiki, Wihweje idini rya Islamu, bisigura ko Kristo ari Muzima ariko Muhamedi Yapfuye?
  33. Kuki ico abayuda bavuga muri Sura al-Nisa' 4:157 Gufise amakenga kandi kikaba ari ikinyoma?
  34. Kuki uguhakana kwa Muhamedi ko "Ntibamwishe (kandi) ntibamubamvye" biduha akanya keza ko kwerekana ko umuhungu wa Mariya yabambwe vy’ukuri?
  35. Mbega aba Islamu basigura gute imvugo ya Korowani ko Kristo atigeze abambwa ariko bikaboneka nk’uko umengo bamubamvye?
  36. Kuki umengo ntakamaro bifise kugerageza kwerekana kahise k’umusaraba wa Kristo igihe bo ubwabo batatubajije ibimenyamenya?
  37. Tworongora gute umu Islamu ko ari uwazimiye kandi w’umunyavyaha?
  38. Mbega Korowani yerekana ko aba Islamu bose bazoja muri gihenomu gute?
  39. Muri Korowani ukwerekana ishikanwa rya Aburahamu kuyisumbavyose, kuki umuhamagaro wa Allah ahamagara Aburahamu udufasha gusigura urupfu rwa Kristo?
  40. Kuki twokwemeza aba Islamu ikinyurane n’ivyo Korowani yigisha ko "Nta muntu ahanzwe n’icaha yoshobora kwikorera icaha ca mugenzi we"?
  41. Mbega Kristo umwagazi w’intama w’Imana wacunguye ivyaha vyose kuba Islamu bose igihe yapfa ku musalaba, canke Yesu ategerezwa kugaruka gupfira aba Islamu nabo mu bundi buryo butangaje? Asangwa nabo baramaze gucungugwa, kuki abakristo batababwira uburenganzira bwabo bwo kuja mw’ijuru?
  42. Wihweje ivyo uzi, Ni ubutmwa ubuhe buvuga ivy’urupfu rwa Kristo mu buryo bwumvikana.

Umuntu wese yishuye ibi bibazo ararekuriwe gukoresha ikindi gitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu munyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagutuma, akagukomeza, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwawe kwose!

Abo musangiye umurimo,

Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:

info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 15, 2022, at 10:49 AM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)