Home
Links
Contact
About us
Impressum
Site Map?


Afrikaans
عربي
বাংলা
Dan (Mande)
Bahasa Indones.
Cebuano
Deutsch
English-1
English-2
Español
Français
Hausa/هَوُسَا
עברית
हिन्दी
Igbo
ქართული
Kirundi
Kiswahili
മലയാളം
O‘zbek
Peul
Português
Русский
Soomaaliga
தமிழ்
తెలుగు
Türkçe
Twi
Українська
اردو
Yorùbá
中文



Home (Old)
Content (Old)


Indonesian (Old)
English (Old)
German (Old)
Russian (Old)\\

Home -- Kirundi -- 02. Roots -- 5 Marriage in Islam

This page in: -- Arabic? -- Chinese -- English -- French -- German? -- Indonesia? -- KIRUNDI -- Ukrainian

Previous booklet -- Next booklet

02. Imizi ya Shari’a muri Korowani

5 - IVYO UMUKENYEZI WESE ATEGEREZWA KUMENYA KU KWUBANA IMBERE Y’UKO ARONGORWA N’UMU ISLAMU

Ikibanza c’umukenyezi, ukwabirana no kwahukana muri Korowani

Mbega Korowani ivuga iki ku kibanza c’umukenyezi muri Islamu ? Mbega Imirongo ya Korowani ivuga iki ku mategeko yo kwabirana no kwahukana muri Islamu ? Imvugo y’abanyamategeko yo muri Korowani kuri iki cigwa yatumye abakenyezi b’aba Islamu bahumuka muri iki gihe. Mbega urukundo rwa Kristo wihweje mubutumwa bwiza ku migenderanire hagati y’umugabo n’umugore binyuranye n’ivyo Shari’a y’aba Islamu bisigura ?



5.01 -- IVYO UMUKENYEZI WESE ATEGEREZWA KUMENYA KU KWUBANA IMBERE Y’UKO ARONGORWA N’UMU ISLAMU

Ikibanza c’umukenyezi, ukwabirana no kwahukana muri Korowani

Mu burayi, ndetse no mubihugu nk’uburundi abakristo benshi bidegemvya bemeye Islamu. Benshi muri bo ni abakenyezi bakiri bato binjiye idini bacubakana n’umu Islamu.

Aba Islamu bose ntibiyumvira canke ngo bizere kumwe. Muri bo harimwo abagabo biyubashe babayeho barengera uko amategeko yabo abategeka. Bagisubira mu gihugu cabo bavukiyemwo baca bagerageza gukurikiza imigenzo n’imiryango yabo baca bavyisunga bakanigishwa gukurikiza amategeko ya Islamu.

Birakenewe ko umuntu wese atari umu Islamu ko amenya amategeko yo kwabirana uko avugwa muri Korowani na Shari’a, imbere ko yubakana n’umukobwa canke umugabo w’umu Islamu.

Abanyamategeko bo mu mashure y’amategeko yose uko ari ane bahisemwo imirongo 72 ivuye muri Korowani ica yerekana ikibanza c’umukenyezi hamwe n’amategeko agenga ivyo kwabirana. Baca bongerako iyindi mirongo 38 ari nayo bakurikiza kubijanye no kwahukana.

Iyo mirongo 110 iri muri Korowani niyo ngenderwako kubijanye n’amategeko yo kwabirana. Icagatanu c’imirongo ibereye muri Korowani ivuga ibijanye n’imigenderanire hagati y’umugore n’umugabo. Ibi vyerekana ko ikibazo co kwabirana cagumye ari ikivugwa cane mu mategeko ya Islamu mu binjana vyose uko vyagenda bikurikirana.

5.02 -- Ikibanza c’umugabo n’umugore muri Islamu

Korowani ivuga ko Allah yaremye umuntu imukuye mubugingo bumwe (Sura al-Nisa' 4:1). Izina rya Adamu ntirivugwa muri iyi mirongo ariko riboneka incuro mirongo 25 muri Korowani. Allah avugwa ko yoba yararemye umukenyezi amukuye muriwe ubwiwe. Izina ry’uwo mukenyezi ntaho rivugwa muri Korowani, kugira binerekane agaciro bamuha muri Korowani, umugore ni ikintu kiza munyuma.

Abakenyezi bose bavugwa muri Korowani, atari Mariya, nyina wa ‘Isa’, ntibigeze bavugwa mu mazina yabo, ariko bavugwa honyene nk’abakenyezi b’abagabo babo. Muri Korowani amazina ni ngirakamaro cane. Ukumenyekana kwabo guhishijwe mumazina y’abagabo babo. Muri Arabiya Sawudite abakobwa n’abakenyezi ntibandikwa baba bakivuka canke ngo bafutwe bitavye Imana. Bahabwa urupapuro mureke arengane gusa iyo baherekeje abagabo babo.

Aba Islamu bashigikira kuvuga ko Allah yabanje kurema Adamu ariko atari Eva (hawwa). Bavuga ko yaremwe akuwe muri we, ariko atavuye mumugore. Gucinyiza abakenyezi babikura mw’iremwa. Kuko bemeza ko abo bantu uko ari babiri babaye isoko ry’abantu bose bariho kuri iyi si.

Muri uyu murongo nyene haravuga: Abagabo bajye [baba] abarinzi b’abagore banabatunge kubera ko Allah yabahaye [ingufu n’ubushobozi] bamwe kurusha abandi, no kubera ko bamwe baba barabatanzeho imitungo yabo [ku gushingiranwa no kubashigikira kwabo]. Abagore beza ni abubaha Allah bakubaha n’abagabo babo kuko bahishije iby’agaciro ubwo Allah na We yababikiye (Sura al-Nisa' 4:34).

Uyu murongo werekana ukwiganza kw’umugabo nk’uko ari Imana yabitegetse. Nta mihari y’abakenyezi mu bihugu vy’aba Islamu ishobora guhindura ibi vyagezwe. Abahinga ba Korowani basigura ko:

Umugabo akomeye gusumba umukenyezi wihweje inguvu n’umubiri.

Intare ni igihangange kw’izina gusumba intare y’ingore.

Umugabo arabangutse gusumba umugore, nk’uko amahiganwa yose avyerekana.

Abagabo ni incabwenge gusumba umugore, kubera ivyo icabona c’umugabo kingana n’ivyabona bibiri vy’abagore mubutungane. (Sura al-Baqara 2:282).

Abagabo baratunze, ninaco gituma aribo bariha inkwano, no muri Paradizo hazoba hariyo abagabo benshi gusumba abagore kuko abagabo batinya Allah kandi bakanamugwanira n’ibigwanishwa vyabo!

Korowani ivuga ko abagabo bafise uburenganzira n’icubahiro gusumba abakenyezi mumiryango y’aba Islamu kuko babitangira imbere intambwe yose. (Sura al-Baqara 2:228c). Muri iyi mirongo nyene abagabo baharurwa nk’utumana dutoduto kandi nk’abatunze abagore babo (bu'ulātahunna), ivyo bikaba vyinjira mubuzima bwabo bwose.

Abagore bafatwa ko ari imyambaro y’abagabo babo, nk’uko n’abagabo nabo bafatwa nk’imyambaro y’abakenyezi babo. (Sura al-Baqara 2:187). Bahamagarirwa gukingiranira ikibaba no gupfukana muntege.

Umugore kandi akitwa ko ari nk’ubusize aho umugabo ashobora gutera imbuto ziwe. Uku kuri kuvugwa muri Korowani muri aya majambo: Barakubaza kubirebana n’abagore baba bari mu mihango ngaruka kwezi. Babwire uti: Ni umwanda [no gukora imibonano mpuzabitsina muri ibyo bihe] ni bibi binafite ingaruka. [Bityo rero] mujye mwitarura abagore igihe cy’imihango yabo ngaruka kwezi. Ntimukabegere [mukorana nabo imibonano mpuzabitsina] kugeza ubwo imihango yabo ngaruka kwezi ihagaze, nibamara [kuyivamo] bakisukura mujye mubonana nabo mu buryo Allah yabategetse, mu by’ukuri Allah akunda abihana bakanicuza, agakunda n’abisukura! 223 Abagore banyu, ni [nk’] imirima yanyu. Ngaho mujye mjya mu mirima yanyu uko mushaka n’igihe mushakiye cyose. Mujye mutegurira roho zanyu [mukora ibikorwa byiza munirinda gukora ibyaziririjwe; kandi mutinye Allah [mwirinda kurenga imbibe za Allah], mumenye ko hari igihe muzahura na We. Kandi geza inkuru nziza ku bemera. (Sura al-Baqara 2:222-223).

Iyi mirongo irisigura ubwayo. Umukenyezi ntabazwa ko ashaka kurangura amabanga canke ko atabishaka. Ategerezwa kwishikana ku mugabo wiwe. Islamu ivuze gutanga imihoho nikwo kwishikana. –Ubigomba canke kunguvu!

Uburenganzira bw’umukenyezi mu kibano buragabanywa na Korowani: Imbere y’amategeko mutore ibyabona bibiri biva mu bagabo banyu. Muri icyo gihe nihaba habuze ibyabona bibiri by’abagabo, nuko rero muzatore umugabo umwe n’abagore babiri, abo mushobora kwemera nk’ibyabona. Ibyabona bibiri by’abagore bizangana n’icyabona kimwe cy’umugabo, kugirango umwe muri bo abibutse uko ukuri kw’ibihe byagenze (Sura al-Baqara 2:282).

Igihe imyandu itoranwa baca basubira gukumira umukenyezi: Ahabwa igice c’ivyo umugabo ahabwa, ivyo umuhungu ahabwa n’ivyo mushikiwe aronka, umukobwa akaronka igice c’umuhungu (Sura al-Nisa' 4:11-13, 176).

Igihe bariko barihora, bikorwa muri ubu buryo: Umugabo kumugabo, umuja kumuja, hamwe n’umugore kumugore. (Sura al-Baqara 2:178). Muri uyu murongo umukenyezi avugwa munyuma y’umuja w’umuhungu!

Uvuze iyo mirongo mu ncamake, uca utahura ko umugore aringaniye n’igice c’umugabo. Ibivugwa vyose vyo kugarukira agateka k’umukenyezi muri Islamu bizokwama bihura n’ingorane ibihe vyose bihuye n’imvugo ya Korowani. Abanditsi bigenga bahinyanyura canke bakabisigura mu buryo bunyuranye, canke bakarondera imirongo ivuga neza umukenyezi, ariko ukwo kuri kw’iyi mirongo ivugwa hejuru nikwo kwerekana ikibanza c’umukenyezi muri Islamu mu buryo butahuritse. Muhamedi yaremeje vyimbitse izo ngingo mu kubivuga ku munwa no mu kubibamwo.

5.03 -- Umugabo n’abaryango b’amaraso n’igenderanire n’abagore biwe

Muri Korowani hari imirongo myinshi igaragaza imigenderanire y’umugabo n’abavyeyi biwe, ivyo bikaba vyegeranye n’itegeko rya Bibiliya (Suras Luqman 31:14; al-Ahqaf 46:15 n’iyindi mirongo). Umu Islamu ategerezwa kugiranira imigenderanire myiza n’abavyeyi biwe, agashimira Allah ku mpuhwe yagiriwe n’abavyeyi biwe, agakora ivyiza kugira anezereze Allah n’abavyeyi biwe. Iyo ivyo adashoboye kubikora aca yihana kugira abe umu Islamu w’ukuri.

Umugabo ategerezwa gutinya no kwubaha umuryango wiwe w’amaraso havuye Allah kubera niwe bakurikirana (Sura al-Nisa' 4:1). Umuryango wiwe wa hafi, abavyeyi, abo bavukana, bashiki biwe, ba sewabo hamwe n’abuzukuru bamwegereye gusumba n’abandi bizera b’aba Islamu! Imigenderanire y’amaraso iramufata gusumba iy’umuryango w’aba Islamu (Umma) (Sura al-Ahzab 33:6)!

Korowani ntaco ivuga kubijanye n’imigenderanire y’umu Islamu n’abagore biwe n’umuryango w’amaraso w’umugore wiwe. Abagore b’umu Islamu baza inyuma y’umuryango w’amaraso n’inyuma y’umuryango w’idini. Umu Islamu nta vyinshi ategekwa k’umuryango w’abagore biwe. Ubwoko bwiwe nibwo bumukingira, bukamufasha bukaba n’umutekano wiwe (Sura al-Ahzab 33:6).

Naho biri uko, umukenyezi aragira icubahiro mu muryango iyo avyaye abahungu benshi. Aho azoca yubahwa ahabwe n’agaciro. Ikibanza ciwe nk’umukenyezi kiguma kidashemeye kiretse ko bamufata nka nyina w’abahungu, ivyo bikaba arivyo bimuha inguvu mu muryango.

5.04 -- Adamu n’umugore wiwe – muri Bibiliya

Wihweje inkuru igira kabiri y’irema muri Bibiliya, Imana yasinzirije Adamu ubutikoma ikura akagufa mu rubavu rwiwe ica ikarema mw’umugore. Adamu aca amwita umugore kuko amuvuyemwo kandi asa nawe.

Abigisha b’abayuda bigisha ngo: "Imana ntiyakuye ako kagufa mu mutwe w’umugabo kugira ntamuganze. Ntiyagakuye no mu kuguru kw’uwo mugabo nyene kugira ntamuhonyange. Ariko yagakuye mu rubavu kugira amube hafi, amususurutse amwuzuze kandi anamufashe. Azoba umubanyi wiwe kandi azorengera ingorane z’ubuzima bwabo bari kumwe n’umugabo wiwe, bompi bari umwe. Nico catumye Adamu amwita ubwa mbere umugore!"

Ivyo bikaba vyanyuranye n’imigenzo y’imiryango kama aho umugabo n’umugore batinjizwa mu muryango w’umugabo, ariko bava mu muryango w’umugabo kuneza yabo bakubaka umuryango wabo bwite (Itang 2:22-23).

5.05 -- Uburenganzira bw’umugabo mu mubano ki Islamu

Korowani irerekana uburenganzira n’ibikorwa vy’umugabo n’ivyo abagore biwe mu mubano w’umu Islamu.

Uguharika ni kimwe mu burenganzira bw’abagabo bose b’aba Islamu (havuyemwo Turikiya, Tuniziya no muri Maroke). Igihe Muhamedi yari ahejeje guhamba abantu 70 bari baguye mu ntambara yo muri Uhud, yaciye ahura n’ingorane z’uwuzofasha abo bapfakazi n’izo mpfuvyi zirenze urugero. Yaciye areka Allah aramuhishurira:

[Yemwe abarera impfubyi mwe]! Nimutinya ko [nimurongora] impfubyi [murera] mutazazifata neza; nimurongore ababashimishije mu bandi bagore babiri, cyangwa batatu cyangwa bane [gusa] Nimutinya kudakoresha ubutabera [hagati y’abagore bandi mubaha uburenganzira bagomba], [murongore] umwe gusa cyangwa [niba mushaka kugira abagore benshi, batabasaba kubaha uburenganzira musabwa guha abagore barenze umwe], murongore babandi baba bafitwe n’amaboko yanyu y’iburyo [abaja]. Ibi nibyo byegereye cyane icyabarinda kugira uwo murenganya [hagati yabo] (Sura al-Nisa' 4:3)

Iri hishurwa ryahinduye imigenzo y’ica gatanu c’abantu baba kw’isi nticagumye ari inyishu y’imfatakibanza kubera abantu bapfuye mu ntambara, ariko vyahinduye ugutsindwa kw’aba Islamu kuba intsinzi ikomeye. Islamu iragwira cane kubera ukwo kuvyara birenze urugero. Naho biri uko, uyu murongo wo muri Korowani ufise ingorane nyinshi:

Ica mbere, n’uko uwo murongo utavuga ngo" umwe canke babiri canke batatu canke bane", ariko umwe na babiri na batatu na bane! Izi ncuro zitatu ‘’na’’ baca babisigura nka ‘’canke’’. Abo bahinga b’aba Islamu, kubera bitari uko umu Islamu wese yoca arongora abagore bashika nka cumi! Ingorane n’uko barongoye ico gitigiri, ntiboshobora kuronka abagore babakwiye mu bihugu vy’aba Islamu.

Korowani ivuga "gusa" inyifato y’umugabo ku bagore biwe bisigura icumba co kuraramwo, inyambaro, amahera yo munzu, ingabire, hamwe no kurangura amabanga y’abubatse. Ubwo burusho burabwa n’abagore biwe bahiganwa kugira ntihagire uwukundwakazwa kurusha uwundi. Haba no kunyambaro, mu kwiga hamwe no gushira hejuru abana b’umugore uyu canke uriya. Ingorane z’ishari muri abo bagore zamaziteguwe. Nico catumye Muhamedi avuga, ati nyamba ufise ubwoba ko utobatunganiriza bose kumwe ca urongora "umwe"! Aba Islamu bigenga baha iri ryungane insiguro bavuga ko iki ari ikimenyetso ko Muhamedi yamye yipfuza ko abantu batoharika!

Ku musore canke umu Islamu w’umukene, uburenganzira bwiwe buca buba ubwo kurongora umujakazi. Nimba azorongora uwo nyene canke akongera ko abandi bagore bidegemvya- abo baja bazoba ari abiwe na cane cane ni baba ari beza (Sura al-Nisa' 4:3.6). Hari intambamyi nke z’ukwipfuza kw’umu Islamu kuburenganzira kw’incoreke ziwe. Iciyongereyeko, abaja ntabwo bitwa “abantu” muri Korowani ahubwo bitwa ibikoresho canke ibintu.

Umu Islamu arafise uburenganzira bwo kurongora umuyudakazi canke umukristo wewe ashaka hambavu y’abagore biwe b’aba Islamu (Sura al-Ma'ida 5:5).

Ashobora kurongora abagore b’abahungu biwe b’abarerano nk’uko Muhamedi nawe yabikoze kuri Zainab b. Djahsch, umugore w’umuhungu wiwe w’umurerano Zaid (Sura al-Ahzab 33:37). Uwo murongo uvuga ko Allah yamumuhaye amurongore kubera vyari vyarategekanijwe. Ibi bifatwa nk’ubuntu budasanzwe bwa Allah!

Igitangaje, Korowani ivuga incuro nyinshi uguhindura abagore (Suras al-Nisa' 4:20-21; al-Ahzab 33:52; al-Tahrim 66:5). Aha abahinga basigura ko aba Islamu bashobora kwirukana abagore babo bakabasubiriza abandi mu kurongora abagore bahukanye n’uwundi mugabo. Muri Arabiya Saudite naho bavuga ko guhindura incoreke ari umuco uhuriweko na bose.

Umubano w’igihe gito (mut'a) uhakanwa vyivuye inyuma n’aba Sunni, naho Korowani yo ivyerekana (Sura al-Nisa' 4:24). Aba Shite bobo bakurikiza ubu burenganzira; umugabo n’umugore bashobora kubana umwanya kanaka ndetse naho yoba ari isaha imwe. Abana bavutse muri uwo mubano w’igihe gito imisi yose baba ari ab’uwo mugabo kuko ashobora kugaruka kubatwara naho hoba haciye imyaka myinshi.

Wiyumviriye ukwabira abagore benshi muri Islamu, ukongerako uburenganzira abagabo b’aba Islamu bafise ushobora kwiyumvira ko ubu ari ubusambanyi budahera bwashizweho n’idini. Bibiliya ishingira intahe kurongora umugore umwe aho umugabo n’umugore bazohinduka umwe mu bugingo, impwemu n’umubiri gushika urupfu rubatandukanije (Itanguriro 2:18.24; Matayo 19:5-6; Mark 10:2-12; 1 Korinto 7:10-11; Abanyefes 5:21-33 no muyindi mirongo). Uku kuba umwe mu mpwemu, mu bugingo no mu mubiri ntikuzwi muri Islamu, kuko umugabo ategerezwa gukunda abagore biwe bose kumwe. Ngiri tandukaniro hagati ya Islamu n’Ubukristo, ridashobora gutahurwa mu buryo busanzwe gusa (Abanyefeso 5:32).

Uburenganzira bw’umu Islamu bwo gukubita umugore atamwumviye, nico kimenyetso canyuma cerekana ko muri Islamu umugabo ari hejuru y’umugore: Abagore mubonaho kutubaha mujye mubanza mubigishe munabagire inama, [nibadahinduka] mubitarure mu buryamo, [nibakomeza kwinangira], mubakubite. Nibabumvira ntimuzabashakashakeho impamvu zo kubahora ubusa. Mu by’ukuri Allah ni Uwikirenga, kandi Ari hejuru ya byose! (Sura al-Nisa' 4:34).

Iri tegeko ryo mu ntambuko zine zitangwa na Allah risubirwamwo n’abahinga benshi mu kwerekana ko gukubita umugore vyemewe gusa iyo umugore yiketsweko gukora ubusambanyi. Ariko muri Korowani, ijambo nudjus canke nadjasa (ivy’umubiri n’ubushurashuzi) ntiribonekamwo, ariko ijambo nuschuz (umwansi canke umugarariji)! Muri Islamu, umugabo ashobora kuganza umugore wiwe. Umugore ahamagarirwa kumwubaha akongera akubuha na inabukwe. Ivyo ashaka bishobora gushirwaho canke bikarengwako ku nguvu.

Iyo umugabo n’umugore bashatse kwihuza, umugabo afise uburenganzira bwo gutangura no kwemera uguhuzwa (Sura al-Baqara 2:228).

Ikintu kirengeje urugero cerekana ko umugabo ari hejuru y’umugore mu mubano w’aba Islamu kibonekera mu burenganzira bwo kurangura amabanga y’abubatse igihe cose ashakiye, yumva ko abishoboye (Sura al-Baqara 2:223). Korowani ntiyigera ivuga ko bisaba yuko umugore aba abikunze canke avyiyumvamwo (kiretse iyo ari mu bihe vyiwe).

Muri Ramadan, ukwezi kw’amafungo, umu Islamu arafise uburenganzira bwo kurangura amabanga yabubatse mu gihe izuba riba ritaraseruka (Sura al-Baqara 2:187).

5.06 -- Umugirwa wo kwabirana muri Islamu

Allah ntarekurira umugabo ngo akunde umugore umwe mu bagore biwe. Kandi na Muhamedi yatuye ko bidashoboka gukunda abagore bose co kimwe. Nico gituma yaciye ategekanya guha agashimwe kadasanzwe uwarenganijwe, kugira yinumire (Suras al-Nisa' 4:129; al-Tahrim 66:1 n’izindi)! Uyu murongo unyuranije n’ugutahura kw’aba Islamu kubijanye no guharika (Sura al-Nisa' 4:3), ariko ukirengagiza kuvyategerezwa gukorwa hamwe n’ukuri.

Umuntu wese agize ubugeni yishira mu ndahiro ariko ntayikurikize neza mu kudatanga amafaranga akwiye mu muryango, imyambaro canke amahera y’ishure ku bana biwe canke kwirengagiza umwe mu bagore biwe mu buryo butabereye ategerezwa kwihana icaha ciwe. Ivyo bakora muri ukwo kwihana ni ibijanye no kugaburira canke kwambika abakene cumi, canke kugaburira umu Islamu w’umuja, canke kwisonzesha imisi itatu ikurikirana cane cane iyo adafise amahera yo kuriha ivyo bindi (Sura al-Ma'ida 5:89).

Itegeko abagabo bahawe na Allah, ni iri ati: Ni muje ku bagore banyu igihe mu bakeneye hose kandi muryamane nabo (Sura al-Baqara 2:222-223; see also al-Saff 61:2). Aba Islamu bagendera buri musi abagore babo, abaja n’incoreke bafatwa ko bagiriwe ibakwe igihe bavyaye abahungu benshi. Nta muntu ashobora kubasuzugura kubera babikoze gutyo. (Sura al-Mu'minun 23:1-6).

Umugabo wese yaranguye amabanga yabubatse n’umwe mu bagore biwe, ategerezwa kwiyoga imbere yo kuja gusenga bitari uko amasengesho yiwe ntazumvirwa. Iyo hatari amazi atemba canke ayandi mazi meza, ashobora kwihanaguza umusenyi canke ivu mu maso hiwe kugira yerekane ko yagomba kwiyoza (Sura al-Ma'ida 5:6).

5.07 -- Ni ibiki bibujijwe kumu Islamu mu kwubakana kwiwe?

Umuntu wese yihweje iyi mirongo itandukanye yo muri Korowani ku bijanye n’iki cigwa, azosanga imigwi 18 y’abakenyezi, umu Islamu aterekuriwe kurongora (Sura al-Nisa' 4:22-24):

  • Abagore ba se wiwe, naho boba barahukanye.
  • Nyina wiwe na bashiki biwe.
  • Abakobwa biwe, abishwa biwe.
  • Abasengezana bakomoka kwa se canke nyina. N’umurezi yamwonkeje canke abo bonse rimwe.
  • Nyokobukwe.
  • Bashikiwe bo kubandi bagore canke bo kuri nyina wiwe.
  • Bashikiwe kuri nyina yavyaye ku bandi bagabo.
  • Abagore b’umuhungu wiwe.
  • Abagore b’umukwe wiwe (kiretse abagore babahungu atunze).
  • Kizire abagore bavukana (havuyemwo igihe vyamaze kuba).
  • Abagore b’abandi ba Islamu imbere yuko bahukana.
  • Kizire ku mugore asenga ibigirwamana igihe atarahinduka ngo abe umu Islamu. (Suras al-Baqara 2:221; al-Mumtahina 60:10).
  • Kizire k’umusambanyi ari mu gihano (Sura al-Nur 24:3)
  • Abagabo b’aba Islamu ntibarekuriwe gukorana imigambi n’abagore canke incoreke. (Sura al-Ma'ida 5:5).
  • Ikintu cose c’urukundo gikorewe mu musigiti canke mu kibanza ceranda kirabujijwe (Sura al-Baqara 2:187).
  • Imibonano mpuza bitsina n’umugore canke umuja igihe ari mu kwezi irabujijwe (Sura al-Baqara 2:222).
  • Umusore ategerezwa kubaho atarangura amabanga yabubatse kugeza aronse amahera yo kuzana umugore, igihe adashobora kurindira ashobora kurongora uwo ashaka mu baja b’iwabo (Suras al-Nisa' 4:25; al-Nur 24:33)
  • Ubusambanyi ubwo aribwo bwose burabujijwe kumu Islamu (Sura al-Isra' 17:32). Ahanishwa inkoni 100, igihe ababibonye bashobora kubisigura neza uko vyagenze (Suras al-Nisa' 4:15-16; al-Nur 24:2-4; al-An'am 6:151). Kubera ivyo vyabona bidashobora gusa, kenshi abagabo baca bikorera ubusambanyi mu muzimagiza, nk’uko uvyumva bivugwa mu bihugu vy’aba Islamu.

Ay’amategeko 10 n’ibi bizira ku bagabo twavuze hejuru, babihawe na Allah kugira biborohereze (Suras al-Nisa' 4:25; al-Ma'ida 5:6 n’iyindi mirongo)!

Mu Butumwa Bwiza dusoma amajambo ya Yesu: Buno Yesu abwira abigishwa biwe ati, umuntu niyagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire. Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwuzoheba ubugingo bwiwe ku bwanje azoburonka (Matayo 16:24-25).

Kubw’Ubutumwa Bwiza, ukwubakana ntigushimikira ku kugomba kwawe ariko abubakanye barakorerana biciye mu rukundo no kwicisha bugufi. Umugore ategerezwa kwubaha umugabo wiwe, ariko umugabo ategerezwa kwitanga kubw’umugore wiwe (Abanyefeso 5:21-33). Intumbero n’impwemu y’Ubutumwa Bwiza binyuranye n’impwemu ya Korowani na cane cane mu gutahura ibijanye n’ukwubakana.

5.08 -- Uburenganzira bw’umukenyezi mu mubano w’umu Islamu

Mu mvugo, umugore ntategerezwa kubaho kubw’impuhwe z’umugabo adakingiwe kuko Korowani isaba agateka kiwe. Yategerezwa gufatwa n’umugabo wiwe nk’uko nawe yifata (Sura al-Baqara 2:228)!

Mu gihe ari mu kwezi, ntiyategerezwa gutegekwa kuryamana n’umugabo wiwe, naho vyoba bisiguritse ko hari ico abura muri ubwo buryo (Sura al-Baqara 2:222).

Abakenyezi bamwe bo mu bihugu vy’aba Islamu, bibarutse abahungu benshi, bahabwa agateka ko gusaba abagabo babo ko aribo yokunda bonyene canke ko yozana umugore umwe wenyene igihe bibonetse ko adashobora kuronka ivyo akeneye vyose (Sura al-Nisa' 4:3).

Mu bihe bimwe bimwe, abagabo b’aba Islamu basaba abagore babo ba mbere ko babaronderera abagore bagira kabiri, kugira amahora aboneke muri iyo nzu. Rimwe na rimwe umugore wa mbere ategerezwa kwakira umugore wa kabiri n’utuvyino n’intambo mugihe c’ubugeni!

Iyo umu Islamu atanezerejwe n’umugore wiwe wa mbere baheruka kwubakana, ntihagire n’igihinduka iyo bahujwe n’abashingantahe bo muri uwo muryango wiwe no mu muryango w’umugore wiwe, umugore wiwe wa mbere ararekuriwe gusaba ko yokwahukana. None yoshobora kwemeza ivyo akeneye n’imibabaro yiwe gute? (Sura al-Nisa' 4:128).

Mu gihe umugore yirukanwe n’umugabo, wa mugore yahukanye aba afise uburenganzira atari buke:

  • Iyo yibungenze ategerezwa kumuha ivyo akeneye vyose kugera yibarutse.
  • Iyo imbanyi itaraboneka ashobora kuba arabaye munzu y’umugabo amezi abiri canke atatu. Ntarekuriwe kwegera umugore wiwe muri ico kiringo.
  • Iyo uwo mugore yonsa umwana muto, ategerezwa kumuhemba amafaranga kugeza umwana ashitse mu bigero (Sura al-Talaq 65:6).

Ayo mategeko ategerezwa kwerekanwa mu nyandiko imbere y’ivyabona bibiri bishobotse umwe akaba uwo mu muryango wabo (Sura al-Talaq 65:2). Kenshi na kenshi, amahera y’inkwano (mahr) ategerezwa gusubizwa mu maboko ya wa mugore yirukanywe kugira amufashe kubaho (al-Baqara 2:236+237).

5.09 -- Igikorwa c’umukenyezi w’umu Islamu

Ibiranga umugore mwiza muri Islamu vyategekanijwe na Muhamedi mu buzima yabayemwo abicishije mu ma surat menshi.

Abakenyezi bose bategerezwa kuba ari aba Islamu, bicishije bugufi, bemera Allah na Muhamedi, bihana, bubaha, bahimbaza batinya Imana, b’akarorero kandi biteguriye ingendo mu guherekeza abagabo babo igihe bagiye kudandaza canke igihe bagiye kurondera abansi babo. Muhamedi ntiyigeze ashimikira ku kuraba ko boba ari amasugi canke ko boba bari basanzwe bubatse! Kubwiwe, vyasaba yuko bakoresha amahera make canke neza kandi bakaba babayeho ari abo akarorero (Suras al-Ahzab 33:28, 31, 33; al-Tahrim 66:5 n’iyindi).

Nta kintu na kimwe kivugwa muri Korowani kubijanye no kwigisha abakenyezi, asangwa ashobora kuba azi gusoma canke kwandika, canke kwigisha abana, canke ikibanza ciwe mu kibano no mu muryango wiwe w’idini. Abagore bategerezwa kwama bari hafi iyo abagabo babo babakeneye. Iyo niyo ntumbero nkuru y’ubuzima bwabo, nk’uko amategeko ya Korowani avyerekana.

Imirongo myinshi ivugwa kubagabo niyo ivugwa no ku bagore. Muri ubwo buryo, ntabintu vyinshi biranga ubuzima bw’umukenyezi muri Islamu biboneka. Iyi mirongo, ntiyatowe n’abanyamategeko ba Korowani igihe bariko barashiraho amategeko yabo, bayitunganije mu buryo bukwiye kandi budakorwako kugira bayikuremwo amategeko, ibikorwa n’ibibujijwe.

Ikirenze aho, abakobwa hamwe n’abagore batagira abagabo bategerezwa gukingira igitsina cabo, kugira ntibubake batitunganije (Suras al-Mu'minun 23:5; al-Ma'arij 70:29; al-Nur 24:30; raba kandi al-Tahrim 66:12). Aka karanga ka Mariya, nyina wa Isa, ni kimwe mu bituma (wihweje muri Korowani) catumye Allah amuhuhiramwo mpwemu wiwe kugira Isa avukire muri we (Suras Al 'Imran 3:47; Maryam 19:20; al-Tahrim 66:12).

5.10 -- Ibibujijwe ku bagore b’aba Islamu

Babujijwe kurongorwa n’abasenga ibigirwamana, abatizera canke abansi ba Islamu (Suras al-Baqara 2:221; al-Mumtahina 60:10 n’izindi). Ariko mu gihe uwutizera yinjiye muri Islamu, arashobora kurogora umugore w’umu Islamu. Ibi bibujijwe vyahindutse kuba igikoresho co gukwiragiza Islamu kuko umuntu wese yipfuza kurongora umukobwa w’umu Islamu aca yinjira idini.

Baranabujijwe kandi kurongorwa n’abagabo b’abayuda canke abakristo. Abayuda bitwa abansi bakomeye ba Islamu (Sura al-Ma'ida 5:82) kandi bagaca babesherwa ko basenga Ezira nk’ikigirwamana (Sura al-Tawba 9:30). Abakristo barabanka, bakanabavuma bavuga ko basenga Imana nyinshi kuko bizera Imana Data, Umwana na Mpwemu Yera. (Sura al-Tawba 9:30). Kubera ivyo, mu bihugu vyinshi vy’aba Islamu, kirazira kikaziririzwa ko barongorwa n’abakristo canke abayuda.

Naho biri uko, muri Sudani uwahoze ari umukuru w’igihugu Turabi yavuze ko abakristo bose ari aba Islamu (Suras Al 'Imran 3:52; al-Ma'ida 5:111), kugira ngo akwegere abakristo baba abo murunganwe rwa mbere canke rwa kabiri mu kubinjiza mu muryango wabo. (Inama nkuru yo muri Arabiya Saudite ya Fatwa yaciye itaramura Turabi baca bamwita ko ari uwutizera.) Amafaranga avuye mu mashirahamwe y’aba Islamu ahabwa imiryango icubaka izabo abasugumira kwinjira muri Islamu.

Umukenyezi w’umu Islamu ntiyemerewe kurongorwa n’umusambanyi bahanye kuko aba arekuriwe kurongora uwundi musambanyi bahanye (al-Nur 24:3).

Korowani ntibuza umu Islamu kurongora umwigeme ataragera mu bigero canke ataragera guhuza ibitsina, naho yoba atarakomera canke ngo abe araja no mu kwezi (Suras al-Nisa' 4:127; al-Talaq 65:4)! Iri tegeko riteye isoni ryemejwe na Muhamedi igihe yarongora Aisha, umukobwa wa Abu Bakar yari afise imyaka umuni. Kuva ico gihe, aba Islamu bo muri ico kigobe cane cane abagenda mu buhindi canke Pakistani kuronderayo abana barongora, bakabazana nk’incoreke canke abakozi bo munzu canke abagore babo. Ku neza y’ibihugu bimwe vy’aba Islamu, bavuga ko umukobwa arongorwa afise imyaka hagati ya 16 na 14, canke mu gihe atanguye kuja mu kwezi

Umu Islamu w’uganga w’umukenyezi Nasrin ava muri Bangladesh yasavye ko igice kimwe co muri Korowani cohinduka kubera abakobwa barongorwa bakiri bato bakomereka mu gitereko, bakagira ingorane nyinshi kandi akaba arizo yari asanzwe avura. Ariko yaciye ahamwa araturubikwa agomba kwicwa n’aba Islamu bari mu myiyerekano aca ahungira muri Suwede.

Ukurenga ibigo kw’umukenyezi birabujijwe, bihanishwa gukubitwa inkoni 100 iyo abantu bane bashobora kuvyemeza mu buryo bukurikira (Suras al-Nisa' 4:15; al-Nur 24:2-4; al-An'am 6:151; al-Isra' 17:32).

5.11 -- Ukwabirana n’amafaranga muri Islamu

Amasezerano muvy’ubutunzi imbere yo kwubakana afise uruhara rudasanzwe mu kwubakana. Iyo umuntu arongowe ayo masezerano atemejwe n’abarongoye iyo miryango uko ari ibiri, uwo mugore ntafatwa ko yarongowe biciye mu mategeko ya Islamu (!) kandi kubera ivyo, ntashobora gusaba ikintu na kimwe mu bugeni bwiwe canke igihe yahukanye. Nta tegeko na rimwe rishigikira uwo mugore canke umugabo niyo baba bubakanye bidaciye mu mategeko!

Gutanga inkwano ntibisigura kugura umugeni, ariko bitahurika nk’ibimuha uburenganzira mu buzima n’abana biwe no mu gihe umugabo azopfa canke akahukana nawe. Kumenya amahera y’inkwano bivana n’amashuri n’ubushobozi uwo muhungu afise, kandi birumvikanwako atangorane biteye! Igice cambere kirihwa uwaserukiye umugeni igihe bariko barahana amasezerano yo kwabirana canke mugihe bariko bagira urubanza gw’ubugeni. Igice kigira kabiri kirihwa umugore igihe bahukanye n’umugabo wiwe. Inkwano (mahr) ziguma ari iz’umugore uko bobigenza kwose.(Suras al-Baqara 2:229; al-Nisa' 4:24-25; al-Ma'ida 5:5; al-Ahzab 33:50; al-Mumtahina 60:10; al-Talaq 65:5 n’ibindi vyinshi).

Igihe umukenyezi yahukanye ahevye igice c’inkwano yiwe, iyo ngabire yitwa ingabire yahawe na Allah, kandi bikanaharurwa ko nk’ubutunzi yibikiye mw’ijuru bw’ibikorwa vyiza. Ni co kimwe n’umupfakazi yanse kurihwa amafaranga afitiwe (Suras al-Baqara 2:229,237,280; al-Nisa' 4:4 n’iyindi mirongo).

Korowani iravuga ibijanye "n’impembo " itegerezwa guhabwa abagore igihe baranguye amabanga mpuzabitsina. Benshi mubahinga bavuga ko yoba ari inkwano (mahr). Abandi bavuga ivy’izindi ngabire ndenzarugero igihe umugabo abonanye n’umugore wiwe (Suras al-Baqara 2:223; al-Nisa' 4:24-25; al-Ma'ida 5:5; al-Ahzab 33:5; al-Mumtahina 60:10 n’iyindi mirongo).

Ubutunzi bw’amafaranga rusangi n’amafaranga arengako mu muryango butegerezwa kwumvikanwako imbere y’ukwubakana. Umugore afatwa ko atagira agaciro iyo apfuye kwemera amahera make. (Sura al-Ahzab 33:31). Imiringa izimvye yo muri iy’isi ifatwa ko ari iyitesha umuntu agaciro (Sura al-Ahzab 33:28,33). Umukenyezi ntiyambara imiringa y’agaciro kumugaragaro (Sura al-Nur 24:31) ariko ayambara kugira anezereze umugabo wiwe gusa.

Umukenyezi abayeho mu buzima bw’akarorero yitega kuzohabwa impera nziza mw’ijuru (Suras al-Ahzab 33:29,31; Sura al-Talaq 65:5). Allah avuga ko azogira abagore bahukanye abatunzi mu gihe bazoba bihakanye gutwara igice c’inkwano (Sura al-Nisa' 4:130).

Igikorwa c’umugabo kubijanye n’umugore wiwe igihe bahukanye giherana n’imyaka 2 ariko iyo yonsa kirangirana n’igihe acutse. Iyo umushahara w’umurezi ubaye muto, se rugo arashobora gutora umwana wiwe akamwaka umugore wiwe maze akamuha umuntu azomumwonkereza ahembwa (Suras al-Baqara 2:223; Luqman 31:14; al-Ahqaf 46:15; al-Talaq 65:6).

Gutunganya ibibazo vy’ubutunzi mu kwabirana, mu buzima bw’umuryango canke mu gihe co kwahukana nivyo bigize amategeko nyamukuru yo kwabirana muri Islamu! Nta mukobwa w’umu Islamu ashobora kurongorwa mu buryo ubwo aribwo bwose n’uwo bubakanye batumvikanye ngo banashireko umukono kumasezerano yo kwabirana hari ivyabona, kuko bazoba atakibagenga igihe bizoba bigoye. Mu kwabirana imbere y’abaserukira amategeko y’igihugu uvamwo biba vyiza cane k’ubugeni mbere n’imbere y’uwuserukira umusigiti! Nk’uko abagore b’abarundikazi barongorwa bakurikije amategeko y’igihugu, aca afatwa n’amategeko y’igihugu, mugabo ni igihe honyene akiri muri ico gihugu! Ayo mategeko ntategerezwa gusubirira “urukundo” canke amajambo yo kuryoshwa y’uwo bagiye kwubakana. Nivyo bizogenga umukenyezi n’abana muri ukwo kwabirana!

5.12 -- Muhamedi n’abagore biwe

Mu bagore ba Muhamedi uko ari 13 ntan’umwe avugwa muri Korowani ariko ingorane yagiranye na bamwe muribo zatumye haba amategeko mashasha muri Korowani!

Abagore bose ba Muhamdi bitwa ba nyina b’abizera (Sura al-Ahzab 33:6). Muri ubwo buryo Aisha, umukobwa wa Abu Bakar aca aba nyina wa se wiwe na Hafza, umukoba wa Umar b. al-Khattab, aca aba umugore yavyaye ba sekuruza.

Uburanga budasanzwe bw’abagore ba Muhamedi bushobora kuboneka mucirore c’abagore biwe (Sura al-Ahzab 33:28-33), bari bamaze kuvugwa.

Bategerezwa gufata Allah n’intumwa yiwe nk’intumbero y’ubuzima bwabo, kandi ntibategerezwa kwiruka inyuma y’umunezero w’iy’isi. Ariko ni basukwa n’intumbero z’ab’isi, Muhamedi azobagwanya hama abirukane.

Iyo umwe mu bagore b’intumwa akoze (ikizira) c’ubusambanyi, igihano gisanzwe c’inkoni gica kigwizwa kabiri. Abazokwama bicishije bugufi kuri Allah n’intumwa yiwe naho biri uko, bazoronka impera yabo incuro zibiri ngaha no mu bihe bidashira. Abagore biwe bavugwa ko batandukanye n’abandi bagore bose; ariko naho bazoba bamwubaha, ntibategerezwa kwubaha abandi bagabo, kugira ngo ntibabagerageze. Kubw’ivyo, bategerezwa kuvugana nabo mu majambo atomoye. Muhamedi yategetse abagore biwe: Kandi mujye muguma mu ingo zanyu [ntimukazisohokemwo], [nibinaba ngombwa ko mugomba kujya hanze kubera gushaka ibyo mukeneye], ntimukitake cyane [nk’aho mushaka kwiyerekana cyangwa kureshya abagabo], nk’uko [abagore b’abapfapfa n’abapagani] bo mu bihe by’ubujiji babikoraga. Mujye mukora swala ubuhozaho kandi mutange zaka, munubahe Allah n’intumwa Ye. [Yemwe mwa] Bantu bo muri Ahalull-bayiti [mu rugo rw’Intumwa] mwe! mu by’ukuri Allah arashaka kubakuraho al-Rijism [ibyaha n’ibizira byose], akabasukura abagira intungane [zitabarwaho gukora ikibi n’icyaha icyo aricyo cyose]! (Sura al-Ahzab 33:33).

Igitangaje, Allah yarahaye ubugeni budasanzwe n’umugore w’umuhungu wiwe yari atunze Zainab kugira abandi ba Islamu bose bashobore kurongora abagore b’abana babo bareze! Allah ubwiwe niwe yamwemereye kurongora Zainab b. Djahsh imbere kuko yari yarabimutegekeranirije. Muhamedi yakuyeho kuba umuvyeyi w’umuhungu wiwe yareze, kugira ashobore kurongora Zainab, mukumubwira ko arengeye se wiwe- intumwa ya Allah niyo yaherukiye abandi bavugishwa bose (Suras al-Ahzab 33:37-52; al-Ahzab 33:40). Muhamedi yihaye izina ry’icubahiro, “uwarangirije intumwa zose” kugira ashobore gusigura ubusambanyi bwiwe, iryo zina muri iki gihe riboneka ahubwo nk’iritesha agaciro umuvugishwa n’Imana.

Muhamedi yarirukanye abandi bagore benshi, atarabakorako; kubera ivyo yaciye azana irindi tegeko rivuga ko umugore batarakorako akaba yirukanywe ntazorindire kurongorwa inyuma y'uko kwahukana kwiwe (Sura al-Ahzab 33:49).

Allah avugwako yahaye intumwa yiwe ya nyuma Muhamedi ubuntu budasanzwe bwo kumurekurira kurongora abagore bose yari yarahukanye nabo, abaja biwe bose b’abakobwa, abigishwa biwe bose, n’uwundi mugore wese amwihaye igihe nawe amukunze (Sura al-Ahzab 33:50-51). Mbega ukuntu Yesu yari atandukanye nawe!! Nta mugore yazanye, Umweranda atigeze ageragezwa. Ingeso y’ubusambanyi bwa Muhamedi yerekana uko yari. Yama yiyumvira ko abagore biwe badatunganye (Sura al-Ahzab 33:33) agaca ashira ivyiyumviro bibi kuribo.

Muri iyi mirongo ikurikira, naho biri uko Allah yabujije Muhamedi kurongora abagore benshi canke kubanyuranya naho yokwegwa n’ubwiza bwabo. Ariko iryo tegeko ntiryaraba abajakazi, abo yigabira nk’ibitungano vyiwe (Sura al-Ahzab 33:52).

Abanyamategeko ba Korowani baraharira, babonye iyi ngorane bakavuga ko umurongo wa 52 canke 50 w’igice ca 50 ni uwuhe wahishuwe mu nyuma. Kubwa Korowani, umurongo wa 52 niwo wahishuwe mu nyuma uvuye kuri Allah, niwo waciriye urubanza Muhamedi kubera ingendo yiwe itabereye. Kugira ivyo babice iruhande, abanyamategeko ba Korowani bandi bavuga ko uguhishurwa kw’umurongo wa 50 arikwo kwatanguye guca gufuta kunakuraho umurongo wa 52! Kugira ivyo bitume ingeso y’ubuhumbu ya Muhamedi ubwiwe ihakanwa muri iyi mirongo ya Korowani!

Naho Muhamedi yagerageje gusigura uburenganzira bwiwe kubajakazi biwe incuro nyinshi muri Korowani (Suras al-Ahzab 33:50-52; al-Tahrim 66:1; see also al-Nisa' 4:3, 24, 25, 36; al-Nahl 16:71; al-Mu'minun 23:6; al-Nur 24:3, 32, 33, 58; al-Rum 30:28; al-Ahzab 33:55; al-Ma'arij 70:30 n’iyindi), ubugumutsi bwaradutse mu biwe kubera ukubonana na Mariyamu umujakanyi w’umunyegiputa mu cumba c’umugore wiwe Hafsa igihe atariho yari ari. Aisha na Hafsa, abagore b’imiyabaga ba Muhamedi bamusatiriye bamubwira ngo abarahire ko atazokwigera asubira kubikora. Ariko Muhamedi aca yihana iyo ndahiro ayirengako mw’izina rya Allah kugira abandi ba Islamu bose bashobore kurenga kundahiro zabo (Surat 66:1-2)!

Mu kiganiro kidasanzwe n’abagore biwe babiri n’umuryango wiwe, Muhamedi yasiguye uburenganzira bwiwe kuri uwo mujakazi wiwe aca atera ubwoba abo bagore biwe babiri bari bagumutse ko yokwahukana nabo icarimwe ariko ko Allah azomuha abandi beza. Aca agabisha abo bagore na ba se babo, abahavuye bamusubirira kuvy’umuriro wa Gihonomu, igihe batokwishikana kuri we.

Aca arangiriza mukuvuga uguca bugufi kwa Mariya, umugore yicishije bugufi yavyaye Isa, umugore w’akaranga muri iyi si yose no muyizoza, nk’akarorero ko gukurikiza (Sura al-Tahrim 66:4-8,12) kugira ashobore guhumuriza abagumutsi bari badutse munzu yiwe!

Asangwa umurongozi w’idini ashobora gukora amakosa nk’ayo agaca agerageza kuyatunganya mukuzana amahishurirwa, none abamukurikira bobo bazogera ikirenge muciwe gute? Ntiduhamagarirwa gucira urubanza Muhamedi kubera Davidi na Salomo bakoze ivyaha bisumba ivyo vya Muhamedi. Ariko Dawidi yarihanye aca aranigisha uko bihana muri Zaburi 51 kugira abasambanyi bose bihane. Naho biri uko Muhamedi wewe ntiyigeze yihana ariko yagerageje gushigikira ububegito bwiwe mukubupfuka n’amahishurwa. Kubw’ubutumwa bwiza, uguharika ni ubusambanyi bw’ibihe vyose. Iki caha cahindutse ikimenyerewe muri iyi si ya none, mbere n’inyuma ya Islamu. Ariko Muhamedi yaciye ahana iki gicumuro n’amategeko yiwe y’idini! Yarekuriye abamukurikira ngo babikore banezerewe atabwoba.

5.13 -- Mbega Korowani ivuga iki ku kwahukana?

Muri Islamu, ukwahukana gufatwa nk’ukwategekeranijwe umuntu! Umugabo, kuvyo Korowani ivuga, yironkeye uburenganzira bwo kwirukana umukenyezi wiwe igihe cose avyigombeye. Nahobiri uko, aya mategeko yahishuwe ubu yabaye ntabanduka mu ma reta atandukanye y’aba Islamu mugabo agahura n’ikibazo c’agateka ka zina muntu hamwe na vya nkenerwa vyo mukibano.

Korowani yigisha: Asangwa hari ingorane zurudahera, abahuza babiri bavuye mumiryango yompi baragerageza gufasha muri izo nduru. Hamwe impande zose zigomvye kwumvikana, uca ubisanga ngaha (Suras al-Nisa' 4:35; al-Talaq 65:2).

Ukubandanya asaba impuzu nshasha hamwe n’ibirezi nivyo bituma vyo kwahukana. (Sura 33:28-29), ariko vyategerezwa kurengerwa.

Indahiro niyo irangiza ukwumvikana. Barashobora kubisubiramwo! (Sura al-Baqara 2:224-225).

Iibintu bituma muri rusangi abantu bahukana ni ibi bikurikira: Guhohoterwa mugukubitwa cane, urwanko n’igono, ubwibone no kuva muri Islamu (Suras al-Baqara 2:221; al-Nisa' 4:127-130; al-Mumtahina 60:10).

Igihe umugabo yamaze gushika kuntumbero n’umugore wiwe akaba yaramuronseko ivyo yamukenerako vyose ashobora kumwirukana (Sura al-Ahzab 33:37). Asangwa atarigera amukorako ashobora kumwirukana atamakenga agize atan’ico asavye (Suras al-Baqara 2:236-237; al-Saffat 37:49).

Mbega umugabo yoshobora gukoresha iyi mvugo, "Umeze nk’umugongo wa Mama" mukwahukana, ategerezwa, asubiyemwo iryo ryungane, riha umwidegemvyo umuja yizera, kwisonzesha amezi abiri, canke kugaburira abakene mirongo itandatu (Suras al-Ahzab 33:4; 58:1-4).

Igihe umugabo yahukanye n’umugore wiwe, ukwo kwahukana ni ntabanduka (Suras al-Baqara 2:227; al-Talaq 65:2)!

Buri kwahukana muri islamu kuba kwarategekanijwe na Allah (Sura al-Talaq 65:3)!

Ibi vyemeza bike vyo muri Korowani vyaciye vyagurwa n’abanyamategeko ba Shari’a baca babishira murusobangane rutoroshe gukurikiza. Yesu Kristo, naho biri uko, yarahakanye ukwahukana ukw’arikwo kwose. (Mat. 5:27-32; 19:3-9; Mark 10:4-12 n’iyindi mirongo). Mu butumwa Bwiza ukwahukana ni ikizira haba kumugore canke kumugabo bikaba ari no guhohotera abana babo.

5.14 -- Kwahukana burundu canke gusubirana?

Abagore bahukanye bategerezwa gufashwa ikiringo gito (Suras al-Baqara 2:241; al-Nisa' 4:130). Aba Islamu batunze bategerezwa kubaha indishi y’akababaro ishimishije, abakene bobo ntibashobora gutanga ibirengeye ivyo Allah yabahaye (Suras al-Baqara 2:236; al-Talaq 65:7).

Igihe hari umwana ategerezwa gucutswa kubera ukwo kwahukana, uwo mugabo ategerezwa gufasha uwo mugore imyaka ibiri yiramvuye (Suras al-Baqara 2:232; al-Talaq 65:6).

Igihe abo bahukanye badashoboye gusubirana bategerezwa kurindira n’imiburiburi amezi ane ngo bavyiyumvireko, kugira bahukane burundu canke basubirane (Suras al-Baqara 2:226; al-Talaq 65:1,2,4). Muri ico kiringo ntawuvuga kuri ukwo gusubirana canke ngo azane uwundi mugore. Ivyo babivugana ico kiringo kirangiye bari imbere y’ivyabona bibiri (Sura al-Baqara 2:228).

Umugore yahukanye ategerezwa kurindira akaja mukwezi incuro zitatu imbere yuko yubakana n’uwundi mugabo. (Sura al-Baqara 2:228).

Umugabo ntarekuriwe guhata umugore wiwe bahukanye muri ico gihe co kurindira. Afise uburenganzira bwo kuba aho yigombeye hose (Sura al-Talaq 65:6).

Igihe bibonetse ko yagiye afise imbanyi uwo mugabo ategerezwa kuguma amufasha kugera uwo mwana avutse (Sura al-Talaq 65:4-6). Hari irindi tegeko ridasanzwe kubijanye n’igihe umugore yirukanywe mugabo atarahukana. Ariko ntibirekuwe ko aguma amwirukana agarukana ibihe vyose. Umu Islamu arashobora kwahukana n’umugabo wiwe akongera agasubirana nawe. Ashobora no kumwirukana ubwakabiri akamugarukana kandi! Ariko iyo yahukanye nawe ubugira gatatu ukwo kwahukana ni burundu! Ashobora kumugarukana ubugira kandi igihe honyene yarongowe n’uwundi mugabo agaca yahukana nawe. Munyuma y’aho wamugabo wiwe wambere aca amurongora kandi (Sura al-Baqara 2:229-230)!

Mugushira mungiro ukwo kwahukana kwa ki Islamu, umugore aba yafashwe nk’ikidandazwa baza barahanahana. Umengo wewe ntabugingo agira, ivyizigiro hamwe n’ivyo yiteze. Aba yafashwe nk’igikinisho c’abana co kwinezereza murukundo bifatiye mukuboko kumwe bafise amakenga n’ishari mukundi kuboko.

Imibabaro y’umukenyezi muri Islamu irahambaye gusumba uko umuntu wese yovyibaza mubugingo bwiwe. Indero no gufasha abana babo (havuyemwo inzoya) ntibivugwa muri Korowani kurya bavuga ivyo kwahukana. Umugore aba ahejeje igikorwa ciwe igihe amuvyariye abahungu – agaca yirukanwa!

Si aba Islamu bose biyumvira canke ngo bagire iyo nyifato. Bamwe ni beza mbere no kurusha amategeko yabo! Bihweje amategeko ya Korowani, ibihugu bimwe bimwe vy’aba Islamu vyatanguje amategeko yigenga. Naho biri uko Korowani imisi yose niyo bisunga ikanagena imico n’amategeko mu bihugu vy’aba Islamu. Bihuye n’agateka ka zina muntu na Shari’a bica bigira inguvu zidasanzwe. Ingwano iri hagati y’intagondwa n’aba Islamu b’akame, amafaranga hamwe n’ibigwanisho ngo babone amategeko yose ya Korowani bakanakoresha ubuzima bwa muhamedi ngo bubereke ingene bobaho mubuzima bwa misi yose nivyo bita ngo insiguro. Umu Islamu wese ategerezwa kubaho uko Muhamedi yari abayeho! Aho niho honyene amahoro ya Islamu azosasagara.

5.15 -- Urukundo rwa Yesu ruhindura abantu

Mu rukundo rwiwe (agape), Yesu yahezagiye urukundo rw’umugore n’umugabo (eros). Nta muntu n’umwe ashobora kubaho atagira akanenge ugereranije n’Umwana w’Imana (Yoh 8:1-11). Ikimazi c’incungu conyene nico cubaka uguhuzwa n’Imana itwagiriza ivyaha vyacu. Mpwemu wiwe aduha ikindi ciyumviro n’ubushobozi bwo kwiyanka no kwitanga mugukorera abandi.

Umukenyezi yipfuza kwigira ku mugabo wiwe hamwe no gukingirwa nawe (Itanguriro 3:16; Efeso 5:22-23; 1 Timoteyo 2:12 n’iyindi mirongo). Bamwe muri bo batahura amahanga biciye kubagabo babo. Bashaka urukundo, ugutahura, umwanya, impuhwe, kuko ivyo vyonyene arivyo vyobabera agatutu mubuzima bwabo bushasha no kwibarukana umubabaro. Ni kubw’iyo mvo Adamu yise umugore wiwe "Eva", umuvyeyi w’abariho bose (Itanguriro 3:20). Izina ryiwe rivugwa incuro zine muri Bibiriya (Itanguriro 3:20; 4:1; 2 Korinto 11:3; 1 Timoteyo 2:13).

Muri Kristo honyene niho umukenyezi yisanzuye muburyo bw’impwemu muguhabwa Ubuntu bwiwe ku buntu (Luka 7:38-50). Muri Yesu umukenyezi aronka agateka kiwe ako abuzwa n’ayandi madini yose.

Paulo, uwasavye ko abakenyezi bicisha bugufi bubaha abagabo babo bihweje urutonde gw’irema, yemeje ubungane bwo mukwihana: Nta muyuda ntanumugiriki, ntamuja canke uwidegemvya, umugabo canke umugore kuko mwese muri umwe muri Kristo (Galatiya 3:28).

Ni muri ubwo buryo Paulo yerekanye igitangaza kiri murukundo: Nk’uko Kristo yitanze ubwiwe kubw’ishengero, niko umugabo yitangira umugore wiwe. Intumbero rusangi y’impwemu ya Yesu Kristo si ukuganza canke ugucinyiza, ni no kwigabira canke kwubahana ariko aturongorera kurukundo, gukoreranira, gufasha, ugutahura, kubabarira, kwihangana, guhezagira no kuguma turi abizigirwa. Ivyo nivyo vyamwa vy’urukundo rwiwe. Yavuze: Mukundane, nk’uko nabakunze! (Yohana 13:34-35). Yesu Kristo ni akarorero kumugabo mbere no kumugore. Ni umucunguzi wacu, Umwami, umuremesha, niwe atweza, kandi akanadukingira (1 Korinto 1:30; Heburayo 12:1-2).

5.16 -- UTUBAZO

Mwene Data musomyi!

Nimba wize aka gatabu neza cane, ushobora kwishura vyoroshe ibi bibazo bikurikira. Uwo wese yokwishura ku bice 90% ibibazo vyose biri muri utu dutabu indwi uko biri neza, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo ruvuye mu kigo cacu ku bijanye

N’inyigisho zo ku rwego rwo hejuru
mu gutahura imizi ya Shari’a muri Korowani

nko gutera intege uwo wese azobandanya akora igikorwa ca Kristo. Vyoba vyiza cane hamwe munyishu zawe woza urashiramwo imirongo yo muri Korowani.

  1. Kuki abagabo n’abagore b’abakristo biga imirongo 110 yo muri Korowani kubijanye no kwabirana no kwahukana?
  2. Kuki atazina na rimwe ry’umukenyezi atari rimwe gusa Mariya Nyina wa Yesu rivugwa muri Korowani?
  3. Mbega igice Sura al-Nisa' 4:34 cerekana gute uko abagabo bacinyiza abakenyezi?
  4. Itegeko rya Allah risigura iki, ko abagabo bagenda kubagore babo bameze nk’ubusize baja kwitereramwo imbuto? (Sura al-Baqara 2,222-223)
  5. Kuki ivyabona vy’abakenyezi babiri bingana n’umugabo umwe mubucamanza? (Sura al-Baqara 2,282)
  6. Bisigura iki mumategeko yo kwihora umugabo yidegemvya avugwa ubwambere hagasubira umuja w’umugabo, hanyuma umugore yidegemvya? (Sura al-Baqara 2:178)
  7. Kuki umu Islamu ategekwa gufasha abo mumuryango b’amaraso gusumba abagore biwe?
  8. Aba Islamu basigura gute inkuru ya Adamu n’Imana akura akagufa akarema mwo umugore?
  9. Kuki Muhamedi inyuma y’intambara ya Uhud yaciye ategeka aba islamu ngo barongore kugera kubagore bane ubwonyene, asangwa bobafata kumwe?
  10. Mbega guharika bifasha gute mw’igwirirana ry’aba Islamu?
  11. Kuki aba Islamu bavuga ko Muhamedi yari afise intumbero ko barongora umugore umwe gusa?
  12. Mbega bisigura iki igihe umu Islamu ashobora kurongora umujakazi wiwe igihe cose abigombeye?
  13. Mbega abashi’a bemeza gute ukwubakana vy’imfatakibanza, mbere n’igihe mwomarana isaha imwe gusa?
  14. Mbega inyishu rukristo kuvyo guharika kw’aba Islamu ni iyihe?
  15. Ni ryari umu Islamu afise uburenganzira bwo gukubita umugore wiwe kugera aho yemera ivyo agomvye vyose? (Sura al-Nisa' 4:34)
  16. Mbega ukwatura kwa Muhamedi kubijanye n’ingingo ziwe zo guharika ko ata muntu numwe yogira ico akorana n’umugore wiwe nk’abandi bagore bose?
  17. Mbega amasezerano yo kwabirana ategerezwa kuba arimwo ibiki kugira ubuzima bw’umukenyezi bube bukingiwe?
  18. Kuki isengesho ry’umugabo rifatwa nk’iritagira akamaro igihe umugabo atiyuhagiye aranguye amabanga y’abubatse n’umukenyezi wiwe?
  19. Ni iyihe migwi 18 y’abagore umu Islamu atarekuriwe kurongora ku mu Islamu uwariwe wese? (Sura al-Nisa' 4:22-24)
  20. Mbega bisigura iki kuvuga ko ata mu Islamu yohirahira ngo ashurashure?
  21. Mumvugo, ni ubuhe burenganzira umukenyezi aba afise twisunze Sura al-Baqara 2:228?
  22. Ni mu mwanya uwuhe umugore adategerezwa kuryamana n’umugabo wiwe?
  23. Kuki mubihugu bimwe umukenyezi ashobora gusaba ko umugabo wiwe atozana uwundi mugore canke mubihe bimwe bimwe akamurekurira kuzana umwe gusa? (Sura al-Nisa' 4:3)
  24. Kuki abagabo bamwe basaba abagore bambere ngo babaronderere abagore bagira kabiri kandi akaba ari nabo banabakira kumusi w’ubugeni bwabo?
  25. Mbega hari inzira iyihe igihe hari ukutumvikana mumubano?
  26. Mbega korowani ivuga ko umugore afise akaranga aba ameze gute? (Suras al-Ahzab 33:28-33 and al-Tahrim 66:5)
  27. Ni kuki umukobwa w’umu Islamu abujijwe kurongorwa n’umukristo canke n’umuyuda mbega ibi bifise ntumbero iyihe?
  28. Mbega Muhamedi yubahutse gute guhana umubano wiwe n’imiyabaga y’abagore biwe? (Sura al-Talaq 65:4)
  29. Bisigura iki igihe ubusambanyi ubw’aribwo bwose buhanwa no gukubitwa inkoni ijana haba kumugore canke kumugabo, igihe abantu bane bashobora gusigura neza uko vyagenze?
  30. Mbega inkwano zisigura iki igihe amasezerano yo kwabirana yari kuba yarabaye bakaba baciye bacikirana?
  31. Kuki bavuga ko ubugeni bufatwa nk’ubutemewe n’amategeko igihe atamasezerano yo kwabirana ateweko igikumu imbere y’ivyabona bibiri?
  32. Mbega ibikuru bikuru biba biri muri ayo masezerano yo kwabirana ni ibihe?
  33. Mbega Muhamedi yarongoye abagore bangahe?
  34. Kubera iki Muhamedi yise abagore biwe ba nyina b’abizera bose mugihe Aisha yari umukobwa wa Abu Bakar na Hafsa umukobwa wa Omar Ibn al-Khattab?
  35. Mbega amategeko adasanzwe kubagore ba Muhamedi ni ayahe? (Sura al-Ahzab 33:28-33)
  36. Mbega abanyamategeko batorera inyishu gute ingorane zo muri Korowani ko ashobora kurongora umugore wese amwizaniye ku rundi ruhande ko adashobora kurongora uwundi mugore atanukubirukana naho yoba abakunze?
  37. Mbega ni iki catumye haba imigumuko munzu kwa Muhamedi? (Sura al-Tahrim 66)
  38. Gute Muhamedi yavuze ko Mariya ari umugore w’akarorero mu bandi bagore bose? Mbega ni ibihe bituma vyemewe n’amategeko bituma umuntu yahukana muri Islamu?
  39. Kuki kwahukana muri Islamu bavuga ko ari ivyategekanirijwe umuntu na Allah? (Sura al-Talaq 65:3)
  40. Ni gute Yesu yanse ukwahukana?
  41. Bisigura iki kuvuga ko umu Islamu ashobora kwahukana n’umugore wiwe incuro zitatu akongera akamugarukana ariko akabanza akarindira uwundi mugabo akamurongora akahukana nawe?
  42. Mbega umu Islamu ategekwa gufata gute umugore wiwe bahukanye?
  43. Ni inzihe ntambwe zirabwa muvyo kwabirana?
  44. Yesu yashize hejuru gute abakenyezi mukubanganya n’abagabo muburyo bw’impwemu?
  45. Mbega urukundo rwa Kristo rushobora guhindura gute kamere yo kwikunda mu mubano wabo n’abo bubakanye?

Mukwishura ibi bibazo Umuntu wese ararekuriwe gukoresha ibindi bitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu mu nyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagukomeza, akagutuma, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwose!

Abo musangiye umurimo,
Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:
info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 25, 2022, at 03:20 PM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)