Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":

Home -- Kirundi -- 03. Basic Differences -- 6 Will Muslims go to Hell and Christians to Heaven?

This page in: -- Arabic? -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Indonesian -- KIRUNDI -- Portuguese? -- Russian -- Telugu

Previous booklet

03. Itandukaniro hagati ya Islamu n’ubukristo

6 - MBEGA ABA ISLAMU BOSE BAZOJA MURI GIHONOMU, ABAKRISTO NABO MW’IJURU

Abakozi b’Umwami

Abakristo barafise uburenganzira kuba Islamu ba none bwo guhakana bwo guhakana urupfu rwa Yesu rwo ku musaraba? Mbega Korowani yigisha iki kubirabana n’ikibazo c’uwuzoja mu muriro? Mbega ibi bihushanye gute n’ivyo Ubutumwa Bwiza bwigisha kuvya Gihonomu?



6.01 -- MBEGA ABA ISLAMU BOSE BAZOJA MURI GIHONOMU, ABAKRISTO NABO MW’IJURU?

Abakozi b’Umwami

Kandi muzomenya ukuri,
kand’
Ukuri
kuzobaha kwidegemvya.

(Yohana 8:32)

Iki kibazo kirakomeye, kirateye isoni, kiravangura igihe atangora zari zihari kuvyo Allah abwira aba Islamu muri Korowani:

70 Kandi ni ukuri ni Twe tuzi neza abakwiriye kujugunywamo imbere y’abandi, nta n’umwe murimwe utazagezwa ku nkengera za Jahanamu iki ni ikintu kigomba kuzabaho kuko ari isezerano rya Allah Umugenga wawe rigomba kuzasohora kandi ntawe uzabona aho kurihungira (Sura Maryam 19:70-71)

ا٧١ وَإِنْ مِنْكُمْ إِلاَّ وَارِدُهَا كَانَ عَلَى رَبِّكَ حَتْماً مَقْضِيّاً ٧2 ثُمَّ نُنَجِّي الَّذِينَ اتَّقَوْا وَنَذَرُ الظَّالِمِينَ فِيهَا جِثِيّاً (سُورَةُ مَرْيَمَ ١٩: ٧٠-٧١)ا

Allah yatanguye imvugo yo muri kazoza mugutera ubwoba abantu bose batizera ivy’izuka ry’abapfuye. Yababwiye mu bwinshi avuga ngo:

68 Ndahiye Allah Umugenga wawe! Ko bose Tuzabakoraniriza ahantu hamwe n’amashitani hanyuma tuzabazana mu nkengero za Jihanamu maze bapfukame aho hantu bayizengurutse.
69 Muri buri bantu Tuzakuramo abari baraganje abandi imbere mu kwigomeka kuri al-Rahiman (Nyirimbabazi Allah).
70 Kandi ni ukuri niTwe tuzi neza abakwiriye kujyugunywamo imbere y’abandi.
71 ntan’umwe muri mwebwe utazashika ku nkengero za Jahanamu, iki ni ikintu kigomba kuzabaho kuko ari isezerano rya Allah Umugenga wawe rigomba kuzasohora kandi ntawe uzabona aho kurihungira.

(Sura Maryam 19:68-71)

ا٦٨ فَوَرَبِّكَ لَنَحْشُرَنَّهُمْ وَالشَّيَاطِينَ ثُمَّ لَنُحْضِرَنَّهُمْ حَوْلَ جَهَنَّمَ جِثِيّاً ٦٩ ثُمَّ لَنَنْزِعَنَّ مِنْ كُلِّ شِيعَةٍ أَيُّهُمْ أَشَدُّ عَلَى الرَّحْمَانِ عِتِيّاً ٧٠ ثُمَّ لَنَحْنُ أَعْلَمُ بِالَّذِينَ هُمْ أَوْلَى بِهَا صِلِيّاً ٧١ وَإِنْ مِنْكُمْ إِلاَّ وَارِدُهَا كَانَ عَلَى رَبِّكَ حَتْماً مَقْضِيّاً (سُورَةُ مَرْيَمَ ١٩: ٦٨-٧١)ا

Muri aya majambo ateye isoni Muhamedi yavuze yo kurungika abamukurikira bose muri Gihonomu nk’uko babisezeraniwe na Allah, avuga ati “hari igihe” bamwe muribo yobakurayo cane cane abamutinya. Si abanyavyaha gusa ariko n’abasenga imizimu, abayuda hamwe n’abakristo bazoturirwa n’uwo muriro ibihe bitazoshira (Suras Al ‘Imran 3:56; al Ma’ida 5:72-73; al-A’raf 7:38-39; al-Burudj 85:10; al Bayyina 98:6 ;...).

6.02 -- Mbega Ibn Hisham umu Islamu yavuze ubuzima bwa Muhamedi yavuze iki kuri uyu murongo?

Amaze kurangiza intambara n’abantu b’i Maka, Muhamedi yabajije abasoda biwe mu 630 NY ngo bitegurire kugwanya abakristo b’aba Bizantine bari mu majaruguru y’ikigobe c’abarabu. Nta masahu yari akiboneka muri ako karere ka Maka na Medina kubera abimukira benshi bari bamaze kwishikana kuri Islamu (Sura al-Hudjurat 49:14). Aba Islamu bagumye nagira amakenga bumva ntibogenda mu ntambara muri iyo mbeho yo muci bagiye kugwanya igisoda gihambaye nk’ico. Muri ico gihe Muhamedi arata umutwe, aca avuga ko Allah amubwiye ko bazoja muri purugatori ari naco catumye benshi bafata ibigwanisho baja kugwana n’abaroma bo mu buseruko.

Umwe mu bagwanyi biwe yari Abdallah b. Rabaha. Aca yiha amosozi yumvise ko azoja mu muriro aca aravuga: “Sinzi ingene nzovayo ni namara gushika muri uwo muriro!”

Mucivugo ciwe, yasavye ko Allah yomugirira Ubuntu agapfa ari umumaratiri kuko ivyo Muhamedi yari ahejeje kwigisha yariyo nzira yonyene yerekana uko boja muri Paradizo (Suras Al ‘Imran 3:142.157-159.169.170; al-Tauba 9:19.88.89.111; Muhammad 47:4-6; al-Fath 48:17; al Saff 61:10-12;...).

Iyo ntambara Abdallah yagize yayihurijeko n’umuhungu Muhamedi yareze yitwa Zaid b. Haritha, yari n’umwishwa wa Djafar b. Abu Talib. Amaze kwiyonjorora n’igisoda ciwe, Muhamedi yihoye mu gutsinda abakristo b’abaroma bo mu buseruko (Ibn Hisham, ubuzima bwa Muhamedi, igitabu ca II, urupapuro 262-267).

Abahinga muvya Korowani bagira ingorane mu gusigura uyu murongo bagomba gukwepa kuzoja mu muriro, uwo aba Islamu bategerezwa kwemera. Muri uku kwubaha bagerageza kubihuza bavuga ngo. Naho biri uko, ntivyoshoboka ko usigura uku kuri kuvuga ko wihweje mu vyanditswe ko abakurikiye Muhamedi bose boja mu muriro.

6.03 -- Mbega al-Tabari, umuhinga mu vyigwa vya Korowani yanditse iki kuri uyu murongo?

Agerageje kwiga uyu murongo, al-Tabari (yapfuye 923 NY) yagerageje gushiramwo inkuru nyinshi zogerageza kuwuzuriza izindi zikanyurana vyose abikuye mu vyavugwa kuri Muhamedi. Wihweje ubu bushakashatsi, aba Islamu bose ntibazoshika ku nkombe ya Gihonomu ariko bazokwinjirayo!

Abizera n’abatizera bose, abagororotsi n’abagabitanya bategekwa kuja mu muriro utongora canke vyoroshe bawucemwo.

Iyindi migenzo ivuga yuko aba Islamu bubaha nibashika mu muriro, ko uzoba wamaze kuzima mu ruhande rw’ikuzimu bazoba barimwo (aho bazotunganirizwa akanya gato) kugira bashobore kwinjira muri Paradizo hadaturira.

Ibindi vyiyumviro bivuga ngo, isi yose izoba yuzuye umuriro mu gihe c’izuka n’ico gituma abantu bose bazoca bazigirira muri Gihonomu.

Bamwe bavuga ko ubushuhe budasanzwe ubwo abantu benshi bamaze kwumva, ari Ubuntu bagiriwe na Allah kugira basubirize uwo muriro wari wateguwe maze bakingirwe ukuzobabazwa mu muriro.

Bamwe bararize bamaze kwumva iyo nkuru mbi yo kudazoshobora kurenga umuriro wa Gihonomu. Bamwe muribo baraboroga ngo: Yoo! Ese iyo ntavuka! Ndazi ko ntegerezwa kuzoja muri Gihonomu. Ariko sinzi igihe nzovirayo!

Aba Islamu batari bake bibuka ingazi zimanuka zija mu muriro aho Muhamedi yababwiye ko buri muntu ategerezwa kuja. Bibacumita nk’ubugi bw’inkota. Abadayimoni baragerageza bakoresheje amagera kugira barabe ko bashobora gukwega bamwe mu bazoba bariko baraja mu muriro. Naho biri uko, umuntu wese azoba yamaze kubaburwa n’urubeya. Aba Islamu beza ni abazoba bajabutse ikiraro bihuta nk’umuravyo. Aba Islamu beza bazoguruka n’amababa, abandi bazojabuka nk’abagenda ku ngamiya mu gihe abanyantege nke bazojabuka bagenda nk’impene. Abamvuriza besnshi bavuga ko bumvise Muhamedi avuga ko Atari abamukurikira bose bazohunga uwo muriro icarimwe ariko bazogenda umw’umwe bivanye n’ingene bakoze ibikorwa vy’idini. Bakimaze ico gihe kinini barindiriye, abazoshobora kwatura bavuga ngo “Ntayindi mana ihari atari Allah” nibo batazoja muri uwo muriro. Mu nyuma abizera Allah bose hamwe n’intumwa yiwe bazoca bakurwa muri iyo mibabaro n’ubwo ukwizera kwabo kwoba kungana n’agatete gato! Ariko abasenga ibigirwamana, Abahindu, Ababuda, Abayuda, Abakristo n’abacokoranyi bazoguma muri uwo muriro ibihe bidashira.

Hari n’aba Islamu bamwe bavuga ko bumvise intumwa yabo iriko iravuga ko uguharura ibikorwa vyiza vyabo kuba Islamu mw’ijuru bizovana n’ibikorwa vyiza vy’idini bakoze ngaha mw’ise: Kwubama mu gusenga incuro 5 ku musi kw’isaha izwi, kwisonzesha kugera izuba rirenze mu gihe ca Ramadan, gutanga amakori y’idini ategekanijwe, kuja mu rugendo rweranda i Maka no kutagira ubwoba mu gihe c’intambara nyeranda. Uko bagiye barafuta ivyaha vyabo bizokwerekana ikiringo bazomara muri urwo rubeya: Nimba bazohagarara umuriro ukagera kw’ijisho ry’ikirenge, ku mavi, mu gikiriza canke kw’izosi. Mu maso haba Islamu ntihazigera harengerwa n’urwo rubeya kugira bashobore kwatura ivyo bizera kuri Allah. Ariko ntibizomera uko kubatari aba Islamu: Bazomirwa ubwo nyene n’urubeya. Igihe umu Islamu azoba ahagaze muri urwo rubeya azoguma asubiramwo ukwizera kwiwe, azoca kurwayo ashirwe mu kibanza co kurindirirayo bizotuma abandanya aja muri Paradizo. Abamarayika bo bazopfukwa n’amazi y’ubugingo kugira ibikomere vyabo bakuye mu muriro bizokire kandi ntibibasigire n’inkovu ku mubiri wabo.

6.04 -- Mbega al-Razi, yavuze kuri Korowani yanditse iki kuri uyu murongo?

Fakhr al-Din al-Razi (yapfuye 1209 NY), umwe mu nasiguye Korowani ubwanyuma yashimye kubandanya impari kuvyo al-Tabari yari yavuze. Yongeyeko iyindi migenzo ya Muhamedi:

Igihe yari ahejeje kubumvisha ko bazoja mu muriro, babonetse nk’abari mu cumba co gukanyishwa icumba carimwo amahoro n’umunezero. Baragira ubwoba, bakanadegedwa. Aburahamu (!) uwaciye muri iyo nzira nyene y’umuriro wa Efurate (Sura al-Anbiya’ 21:68-69).

Al-Razi yanditse ko ikiremesha aba Islamu beza mu kwizera ni uguterwa intege n’ingene muri Gihonomu hazoba hapfutse bihweza ingene abasenga ibigirwamana bazoba bariko barasha batokombera mu kuzimu. Ivyo biteze bazohabwa muri Paradizo ni ukumenyeshwa ukwihangana ntibazobabazwe nk’abanyavyaha mw’iryo tenure ry’umuriro. Ikirenzeko, aho niho bazomenya neza ko Korowani ari ukuri kandi ko bokwizigira Allah.

Abatizera bobo, bazoguma bapfukamye bari mu muriro bazoba bagwiriyemwo abasenga ibigirwamana bagize izindi mana babangikanya na Allah. Bapfukamye muri ico gitongorero, bazosemerera basaba icobahoza mugihe aba Islamu bo bazokwivirayo nk’abatsinze!

6.05 -- Umuriro wamaho muri Islamu

Aba basigura ivya Korowani berekanye neza ko aba Islamu bitwararitse cane ivy’umuriro gusumba abkristo. Muhamedi yavuze ijambo Gihonomu incuro zirenga 100 (djahannam incuro 77 na djahim incuro 26). Abakurikiye Muhamedi batura ubuku biteze ibizobashikira.

Mw’ihuriro ry’i Freetown na Sierra Leone, igisongerezi c’umu Islamu yabajije umuvugabutumwa iki kibazo: “Mwa banyabwoba b’abakristo kuki mutatubwira ukuri kwose!” Igihe uwo muvugabutumwa yari ahindukiye kumuraba ngo yishure abaza ico gisongerezi ico gishatse gusigura, aca aravuga: “Ni ukuri canke ni ububeshi, aba Islamu bose bazoja mu muriro?” Intahe y’abakristo ica iragaragara, batangura gusenga mutwongoshwa bamubarira “Mwebwe mwashize ivyiyumviro kuri Shari’a! Mugabo ntimwigeze mwiyumvira uko bikwiye. Ntimwigeze musenga gatanu ku musi. Ntimwigeze mwisonzesha mu kwezi kwa Ramadan, mwaharuye amakori yanyu y’idini nabi ngo bibagirire akarusho. Mbega imigenderanire n’abagore banyu, abana banyu n’abari munsi yanyu yifashe gute? Ayo mategeko mwishiriyeho niyo azobacira urubanza. Kubera Shari’a, mwese muzokwururukira mu muriro atakabuza.”

Wa muvugabutumwa arabandanya: “Twebwe abakristo bimeze neza gusumba mwebwe mw’aba Islamu mwe! Ntitwizigira ivyagezwe, ariko Ubuntu bwa Yesu Kristo. Mwebwe muzocirirwa urubanza hisunzwe Shari’a, ariko twebwe tuzocirirwa urubanza hisunzwe Ubuntu bwa Yesu!”

6.06 -- Ivyagezwe bitsindisha bose!!

Umusomyi wese asomye amakete ya Paulo ningene yahanganye n’ikibazo kijanye n’ivyo ivyagezwe n’Ubutumwa Bwiza azoca atahura neza ingorane ya Islamu. Idini rya Muhamedi riri “munsi y’ivyagezwe”. Aba Islamu bizera ko ibikorwa bakora buri musi nk’ibihano bidasanzwe bahabwa n’ivyagezwe, n’ivyo bategetswe na Allah ubwiwe- n’ubwo benshi muribo batanatahura ivyayo mategeko. Hambavu y’ayo mashure y’amategeko ya Islamu uko ari atanu ntiyigera yumvikana ku ngingo zimwe zimwe za Shari’a! Naho biri uko, intagondwa zozo zihatira abantu gukurikiza Shari’a mu bihugu vy’aba Islamu. Bibaza ko mukubikurikiza ariho Allah azobatahura agaca abaha Paradizo. Uravye ivyo duhejeje kubona, Islamu ni uburyo bwo kwicungura ukoresheje inguvu zawe n’ibikorwa.

Ubutumwa Bwiza bwobwo butubwira incuro zitari nke ko ata muntu n’umwe ashoboye kubaho uko ivyagezwe bibisaba (Rom 3:20; Gal 2:16, ....). Kuko uwuzorenga na rimwe kuri ayo azoba atsinzwe na yose (Yak 2:10). Paulo yabihagazeko cane.

“Abishimira ibikorwa vy’ivyagezwe bose bari n’umuvumo: Kuko handitswe ngw’azoba avumwe umuntu wese adashishikarira ivyanditswe vyose mu gitabu c’ivyagezwe ngo avyitondere.’” (Gus 27:26; Gal 3:10).

6.07 -- Ikosha ryo kwigira uwukunda ivyagezwe

Imana si nk’umudandaza irindiriye gupima ibikorwa vyiza n’ibikorwa bibi (Suras al-Nisa’ 4:29; al-Tauba 9:111; Hud 11:114; Fatir 35:29-30; ....). Nk’uko icamwa c’umucungwe cama umucungwe, niko ikitugera co muri twebwe ciyerekana hanze nk’icaha. Aba Islamu naho biri uko ntibigera babona muri Korowani ko ari abanyavyaha bazimiye. Ubweranda bw’Imana nibwo buberekana nk’abadatunganye mu rukundo rw’isumba vyose kuko bagwana n’ukwikunda, ivyo bigatuma batamumenya. Allah si urugezo rwiza kuba Islamu! (Mat 5:48; Luk 6:36) Ntaco Allah ahuriyeko n’ibiremwa vyiwe kandi bazokwama ataco bahuriyeko ibihe vyose.

Mw’Isezerano rya Kera Imana yavuze ngo: “Mube abera nk’uko nanje ndi Uwera!” (Lew 11:44; 19:2; 1 Pet1:15-16) Ukutagira icaha kw’Imana vyerekana kamere kacu k’ivyaha (Yes 6:3-7). Ukwo umuntu yegerana kubana n’Imana, niko abona ivyaha vyiwe, ubwibone bwiwe bugahura n’ubweranda bwayo.

Muri Islamu ni igihushane, Allah ni Imana iri kure cane. Nico gituma aba ISlamu batabona uwo kuri ko nk’abana b’abantu bazimiriye mu caha ! Bihenda mu vyiyumviro vyabo bakibaza ko bashoboye gukurikiza ivyagezwe vyayo bagaca baba abibone b’indyarya. Ariko Bibiliya itubwira : Ntawukora iciza, eka nta n’umwe! (Itang 6:12; Zab 14,1-4; Rom 3:10-12). Muhamedi n’abaharanira agateka kazina muntu naho biri uko bavuga igihushane. Bashimangira bavuga ko umuntu ari mwiza kuburyo ashobora kwiteza imbere ubwiwe! (Suras al-Nisa’ 4:28; Hud 11:114; al-’Ankabut 29:9)

Bibiliya iradukingira ku kwihenda igaca itwereka icotuma tutazomaramara muri ukwo kwiyeza. Idusaba ubwa mbere gutahura ko twatsinzwe hama tukemera kwihana ivyaha vyacu ku Mana. Amabwirizwa cumi arafasha muri iyi nyumbero y’ubzima bwacu (Kuv 20:2-17), ariko ntaducira urubanza kuvy’amakosha n’ivyaha vyacu. Ikirenzeko, Yesu yaciye atwereka intumbero y’umwana w’umuntu (Mat 15:17-20; 5:21-48).

Uguhinduka w’umunyavyaha bihera mu mutima wiwe, mu bugingo bwiwe hamwe no mu bwenge bwiwe. Umuntu wese atihana azocirirwa urubanza n’ivyagezwe. “Tuvuze yuko ata caha dufise tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebwe 9 Nitwatura ivyaha vyacu niyo yo kwizigirwa kandi igororoka, ivyo nivyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose 10 tuvuze ko ata caha twakoze tuba tuyigize umubeshi kandi n’ijambo ryayo riba ritari muri twebwe.” (1 Yoh 1:8-10)

Aba Islamu ntibamenya ko bakoze ivyaha vyinshi ngo basabe imbabazi nk’uko Muhamedi yabikoze mu gusaba imbabazi Allah (Suras al-Mu’min 40:55; Muhammad 47:19; al-Fath 48:2; al-Nasr 110:3). Ico badatahura, ni ibigabitanyo vyacu bagaca bibaza ko bashobora gusubiriza ivyo bakoze bibi n’ibikorwa vyiza. Ibi vyiyumviro bitarivyo nivyo bigize ikosha nyamukuru rya Islamu!

Martin Luther yashinze intahe muri imwe mu ndirimbo ziwe:

Nta ciza cari mu bugingo bwanje,
Nari uwo kuja muri Gihonomu!

Ukwo kwihana kwerekana ko abakristo atari beza gusumba ab Islamu. Bose bategerezwa kuja mu muriro kuko batigeze berekana canke ngo babeho nk’uko biboneka mu rukundo rw’Imana (Itang 1:27; Rom 3:23-24).

6.08 -- Ni mwihuze n’Imana!

Yesu ku rundi ruhande, yaje nk’Umwagazi w’Intama w’Imana yikorera ivyaha vy’amahanga yose (Yoh 1:29,36). Yahuje umuntu wese n’Imana yera biciye mu kubabazwa n’urupfu rwo ku musaraba (2 Kor 5:19-21). Uburenganzira bw’agakiza ni kuri bose! “Kubw’urukundo Imana yakunze abari mw’isi, arirwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege kugira ng’umwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira” (Yoh 3:16).

Ninde azokwakira iyo ngabire y’Imana? Ninde azokwemera gutsinganishirizwa, amaze kwatura ivyaha vyiwe biciye mu rupfu rw’imibabaro ya Kristo? Ikibazo si uko aba Islamu canke abakristo bazoja mu muriro ariko ninde azokwakira aka karyo yahawe na Kristo n’ububasha bw’ubuntu bwiwe (Rom 5:1). Yesu yafashe ko:

N’ukuri, n’ukuri ndababwire: Uwumva ijambo ryanje,
Akizera uwantumye
Niwe afise ubugingo budashira
Kandi ntazoshirwa ntazoshirwa mu rukunja
Ariko aba avuye mu rupfu ashitse mu bugingo!

(Yoh 5:24)

Naho biri uko iri tandukaniro, n’ubu burenganzira, abakristo benshi ntibabihagararako n’ubwo bafise ubwo bushobozi bwo gukiza bwa Kristo. Abenshi muba Islamu, ntibizera ukubambwa n’uguhabwa ubushobozi bwa Mpwemu Yera kuko hari Suras muri Korowani ibigisha ko Umuhungu wa Mariya atigeze apfa urupfu rwo ku musaraba (Suras Al ‘Imran 3:55; al-Nisa’ 4:157) kandi ko Mpwemu Yera ari umumarayika Gaburiyeli!

Iyo migwi yose uko ari ibiri irafise uburenganzira bwo guhimbaza Imana! Nta muntu n’umwe azokwirata ibikorwa vyiza yakoze, ariko Ubuntu no gucungurwa (Ef 2:8-9). Uwuzomwizera wese ntazoja mu muriro! Ariko uwutazomwizera wese akanka uburenganzira bw’ubweranda bwiwe agahitamwo gutandukana, azoba ahisemwo gutandukana n’Imana.

6.09 -- Mbega ibikorwa vyiza dukora ntaco bimaze?

Yesu yamenyesheje abariko baramwumviriza avuga ngo: “Umuntu wese amvumereza ngo Mwami Mwami siwe azoja mw’ijuru kiretse uwukora ivyo Data agomba!” (Mat 7:21) Kwihimbaza ntawe bizokiza! Ariko kubana na Yesu Kristo mu kwizera yaduhaye tukava mu vyaha vyacu, tugahunga urubanza rw’uburake bw’Imana tuvuye mu gacinyizo ka Satani no mu rupfu rwiwe nivyo bizodukiza! (Yoh 11:25-26). “Umwizeye ntazotsindwa n’urubanza, arik’utamwizeye aramaze gutsindwa, kukw’atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege.” (Yoh 3:18) Mu kwizera Kristo niho dutahura Imana nka Data, na Yesu nk’Umwana: “Uwufise Umwana aba afise ubugingo, ariko uwudafise Umwana w’Imana, nta bugingo afise." (1 Yoh 5:12)

Kumbure umuntu yoshobora kuvuga: “Yesu yigishije ngo kubijanye n’umusi w’imperuka ko abakora ukugomba kwa Data aribo bazoja mw’ijuru kandi ko abandi bose bazoja mu muriro!” (Mat 25:31-46)

Nk’uko vyavuzwe, Bibiliya ikosora ibi: Abagororotsi ntibari abagororotsi gusa kuko barakoze ibigabitanyo mu buzima bwabo. Kandi abanyavyaha ntibari abanyavyaha gusa kuko nabo hari ivyiza bakoze. Itandukaniro ry’iyo migwi ibiri rihagaze ko abatsindanishirijwe ari abihanye ivyaha vyabo ku Mana bemera kwozwa mu bugingo bwabo n’amaraso ya Yesu Kristo barizwa n’ibikorwa bibi bakoze. Igisigaye n’ibikorwa vyiza ivyo bahawe n’ubuntu bw’Imana.

Ikinyuranye n’uko abibona nk’abagororotsi banse kwicisha bugufi. Ntibihana ivyaha vyabo ku Mana kandi babona ko urupfu rw’ugucungurwa rwa Kristo ataco rubamariye. Baca begeranya ibikorwa vyiza vyabo kugira bizoharurwe, bizobatsindanishirize navyo biboneka ataco bimaze. Urubanza rwabo nta kintu ciza na kimwe bubatse casigaye. Umwana w’Imana yabambwe gusa adukiza kandi akadutunganya kubw’igikorwa ca Se wiwe. “Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’utumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’uburake bw’Imana buguma kuriwe." (Yoh 3:36)

6.10 -- Ni bande baja mu muriro ni bande batajayo?

Abakristo bose, aba Islamu, abayuda, abahindu n’ababuda bagerageza kwubaka ubweranda bwabo bakoresheje amasengesho yabo, ukwisonzesha, ingendo nyeranda, ukwitanga barihenda ubwabo bazoca bagwa mu mutego n’ibimaramare, gutsindwa n’urubanza rw’Imana kandi bazokwicuza (Luk 16:19-31). Iyo abantu bizeye ingeso zabo nziza bataravye n’ivyagezwe bakurikira bazocirirwa urubanza rubereye. Babikoze uko, nibo baba bihitiyemwo umuriro w’ibihe bitazoshira.

Ikindi, umuntu wese azokwakira Yesu nk’Umwami n’Umucunguzi wiwe, uburake bw’Imana buzohwamikwa n’intsinzi y’ugucungurwa na Yesu (Rom 3:24,28). Ntazoza mu muriro uko azoba ari kwose.

Hari ubushobozi bukiza mw’izina rya Yesu. “Uwo niwe akiza abantu biwe ivyaha vyabo.” (Mat 1:21) Mu mwaka wo gucungurirwamwo, Umwana w’Imana azokoranya abamukurikiye bose bavuye mu mahanga yose, mu madini yose, mu ndimi zose, mu moko yose (Ivyah 7:9-17). Uno musi abo bari mu bayuda, abakristo, n’aba Islamu nk’abigishwa ba Yesu bari mu bantyu biwe b’impwemu gusumba uko twebwe tubazi. Baramaze guhabwa ubugingo budashira muribo, ubu bariko biberaho mu mahoro y’Imana akaba ariyo abatandukanya n’abandi mu vyiyumviro vyabo (Fil 4:7).

6.11 -- Ivyo Yesu yavuze kuvy’umuriro

Uravye Ubutumwa Bwiza, yesu yavuze ko hari umuriro incuro 15 (Mat 5:29-30; 10:28; 11:23; 16:18; 23:15; Mark 9:43-47; Luk 8:31; 10:15; 16:23; Ivyah 1:18; ....) naho biri uko, Umwana w’Imana yakoze kuri ico kibazo mu buhinga kuko ntiyipfuje kwikwegera kw’abantu mu kubatera ubwoba, ariko yabizanyeko mu kubumvira ikigongwe kubera urukundo yabakunda (Mark 1:24).

Mu kuvuka kwa Yesu, Umumarayika yiyeretse abungere mw’ijoro i Betelehemu mu kubabwira ati ntimutinye kubera ivyaha vyanyu, ivyo bari basanzwe bazi igihe Imana yabamurikira ariko yababwiye ati ndabazaniye inkuru nziza, inkuru y’akanyamuneza!” (Luk 2:10) Kuva ico gihe, isezerano ry’Imana kubizera bose: “Ntutinye, kuko naragucunguye, naguhamagaye mw’izina; uri uwanje!” (Yes 43:1)

Ukubabarirwa ivyaha vyacu naho biri uko si co kintu conyene cazanye Yesu ngaha kw’isi. Ntayashaka kudukurako ingeso mbi gusa, ariko kandi kuduha ubugingo bwiwe budashira ku bizera bose bakemera ikigongwe ciwe (Yoh 3:16; 10:10). Mw’isengesho ry’ubuherezi bukuru bwiwe, yarasenze asaba ati: “Data, abo wampaye ndagomba kw’ahondi nabo bahabana nanje ngo barabe ubwiza bwanje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry’isi ritarabaho ...” (Yoh 17:24; raba kandi 12:26; 14:2-3; 1 Yoh 3:1.)

Uhoraho yahaye Ezekiyeli ubu buvugishwa imbere y’imyaka 600. “Kandi nzobaha umutima musha, mbashiremw’impwemu nsha, nzokura umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yanyu, mbahe umutima woroshe nk’inyama. 27 Kandi nzobashiramwo Mpwemu wanje, ndabagendeshereje mu vyagezwe vyanje, namwe muzokwitondera amabwirizwa yanje, muyashitse” (Ez 36:26-27; gereranya Zab 51:12-14; Yer 31:32-34).

Nta mu Islamu yuzuye Mpwemu Yera, nta n’uguhinduka mu mitima yabo kuvuye kubushobozi bw’Imana canke ivyizigiro vy’ubugingo budashira. Ukwuzuka mu bapfuye kuribo ntaco gusigura, ariko gusubira mu buzima bwa kera bw’iyi si bw’ibibabaro hamwe n’umunezero. Iri dini ntiritahura ko hari ugukenera canke ko hari ukuvuka ubwa kabiri kw’umuntu muri mpwemu ariko ukwishikana ku vyagezwe na Shari’a.

Yesu amaze gupfa urupfu rwiwe rwo kuducungura, yakuyeho igihome cari hagati y’abanyavyaha n’Imana aca asuka Mpwemu wiwe Yera ku bigishwa biwe bari bamurindiriye mu masengesho (Ivyak 1:8; 2:1-4). Iyi Mpwemu ni ubugingo budashira (Yoh 6:63), urukundo rw’Imana (Rom 5:5), ubushobozi bw’ibihe bidashira (Ivyak 1:8), uguca bugufi (Mat 11:29), umunezero (Yoh 15:11; 17:13), amashimwe (Ef 1:14). Mpwemu Yera niwe akora ibikorwa vyiza muri twebwe kugira biheshe icubahiro Imana (Gal 5:22-25). Muri iyi Mpwemu, abakmukurikira baramaze gutsinda Gihonomu. Iyo tuja si mu rupfu si no muri Purugatori, si no mu magorwa y’ibihe bidashira, ariko ni ukuzobana na Data mw’ijuru (Mat 6:9-15; Ef 2:18-19).

Yesu yaravuze: “None mwebwe ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?” (Luk 11:13).

Muri ubu buryo, Yesu yabambwe akazuka atubwira:

Musabe muzohabwa
Murondere muzoronka
Muramutse muzokwugururirwa
Kuko uwusaba wese ahabwa
Kandi uwurondera wese aronka
Kandi uwuramutsa yugururirwa.

(Luke 11:9-10)

6.12 -- UTUBAZO

Mwene data Musomyi,
Nimba wize aka gatabu neza cane, ushobora kwishura vyoroshe ibi bibazo bikurikira. Uwo wese yokwishura ku bice 90% ibibazo vyose biri muri utu dutabu indwi uko biri neza, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo ruvuye mu kigo cacu ku bijanye

N’inyigisho zo ku rwego rwo hejuru
mu gutahura imizi ya Shari’a muri Korowani

nko gutera intege uwo wese azobandanya akora igikorwa ca Kristo. Vyoba vyiza cane hamwe munyishu zawe woza urashiramwo imirongo yo muri Korowani.

  1. Andika umurongo wonyene uvuga muri Korowani ko aba Islamu bose bazoja mu muriro.
  2. Kubwa Islamu, ni bande bazova mu mumuriro bamaze kuwushikamwo?
  3. N’uwuhe murongo wo muri Korowani uvuga ko abatari aba Islamu nabo nyene bazoja mu muriro?
  4. Mbega Ibn Hisham, umwanditsi w’ubzima bwa Muhamedi avuga iki ku murongo uvuga ko aba Islamu bose bazoja mu muriro?
  5. Kuki umu Islamu yiyumvira ko gupfa nk’umumaratiri wa Allah ariyo nzira yonyene yo mukiza kuja mu muriro agaca yinjira Paradizo? Ni uwuhe murongo muri Korowani ushigikira iki ciyumviro?
  6. Ni ibihe vyiyumviro umuhinga w’umu Islamu al-Tabari yatanze mu gusigura umurongo wa Korowani ko aba Islamu bose bazoja mu muriro?
  7. Mbega umuhinga al-Razi yaguye insiguro ya al-Tabari gute?
  8. Mbega Gihonomu ivugwa kangahe muri Korowani?
  9. Ni ayahe mazina mu carabu bakoresha muri Korowani mu kuvuga Gihonomu?
  10. Ni iyihe nzira aba Islamu bizigira ko bocamwo ngo bacike Gihonomu?
  11. Mbega ukwizera rukristo bitandukaniye kuki n’ukwa Islamu kubijanye n’umuriro n’agakiza?
  12. Mbega abakristo ni beza muri kamere gusumba aba Islamu canke nabo bazoja muri Gihonomu?
  13. Mbega ibikorwa vyiza vyotuma ducika Gihonomu?
  14. Mbega inzira yo nyene wo kwizera igukiza Gihonomu ni iyihe?
  15. Kubw’Ubutumwa Bwiza, ni bande bazoja mu muriro ?
  16. Mbega Yesu yahishuye iki kubijanye na Gihonomu canke agakiza ?

Mukwishura ibi bibazo Umuntu wese ararekuriwe gukoresha ibindi bitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu mu nyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagukomeza, akagutuma, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwose !

Abo musangiye umurimo,
Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:
info@grace-and-truth.net

6.13 -- ITANDUKANIRO HAGATI Y’ABAKRISTO N’ABA ISLAMU RIRASHOBORA GUHURIZAKO?

wa kwishura iki kibazo kigoye (no kuri jewe). Ikidashobokera abantu gishobokera Imana! Ese Umwami yazutse yobohora abakristo bose kwirengagiza kundoto z’imico za buri musi bagaheza bakerekana ko Yesu ariwe nzira wenyene ifasha kwihana nyakuri, uwanyuma adushikanirivyacu Ku Mana kandi isoko ry’ubugingo budahera. Ntanumwe ashobora gusihika kwa Data atamyjanye (Yoh 14:6)

Muguhuza idandukaniro rininni hagati y’abakristo n’aba Islamu, twaguteguriye urukurikirane gw’udutabu turi mu mitwe y’amajambo ikurikira:

Ukuganira n’aba Islamu ivya Kristo.

  1. Igikorwa nyamukuru ca yesu Umwami wacu
  2. Aba islamu bose ntibizera canke ngo biyumvire kumwe!
  3. Uko twosigura ko bibiliya itasibanganijwe
  4. Amazina ya kristo muri korowani na bibiliya
  5. Ibitangaza cumi vya kristo muri korowani
  6. Ibanga ry’ ubumwe bw’ubutatu bweranda ryosigurirwa gute umu islamu
  7. Ikigwisha c’umusaraba gisigurirwa aba islamu
  8. Umu islamu wese ahindutse umukristo akwiriye kwicwa?

Uru rukurikirane gw’udutabu turoroshe gushira mungiro, kandi tukanatanga inyishu zivuye muri Bibiriya, siyansi mbere no muri Korowani, kandi turamaze guhindugwa mundimi nyishi cane: icarabu, igifaransa, ikinya indonaziya kandi no mukirusiya mbere no muzindi ndimi.

Umuntu wese agomba kuganira n’aba Islamu yisanga yatezwe n’uburyo biyumvira akagerageza kubigereranya n’inyigisho za Bibiriya hamwe n’iza Korowani. Ubu nibwo buryo bwonyene dushobora kwubaka ikiraro kandi akanubaka kwitanguriro rikomeye. Naho biruko iyo vyose vyamaze kuvugwa canke gukorwa, haba hasigaye igikorwa c’ubuntu aho uwo muntu, Yaba umu islamu canke umukristo atahura ukuri. Uku kuri rero, kuzoduha kwidegemvya,

kubera Kristo ari ukuri
(You 14:6)

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on November 02, 2022, at 05:48 AM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)