Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":

Home -- Kirundi -- 03. Basic Differences -- 5 Salvation in the Bible and the Koran

This page in: -- Arabic? -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Indonesian -- KIRUNDI -- Portuguese? -- Russian -- Telugu

Previous booklet -- Next booklet

03. Itandukaniro hagati ya Islamu n’ubukristo

5 - AGAKIZA MURI BIBILIYA NA KOROWANI

Abagurano b’Umwami

Kubera ko aba Islamu batemera ko Kristo yabambwe ku musaraba, ntibanemera kw’Agakiza ari mu kwizera Kristo. Bahakana ku mugaragaro ko Agakiza katatangiwe mu rupfu rwa Kristo nk’impongano y’ivyaha vyacu. None bazokizwa gute? Bazohungira he umuriro udahera? Ivyizerwa vy’Agakiza muri Islamu bitandukaniye he n’Ubutumwa Bwiza bwa Bibiliya?



5.01 -- AGAKIZA MURI BIBILIYA NA KOROWANI

Abagurano b’Umwami

Kandi muzomenya ukuri,
kand’
Ukuri
kuzobaha kwidegemvya.

(Yohana 8:32)

Uwo wese arimbura mu gusenga gurtya ku vy’Agakiza k’Imana yinjira ah’igicaniro c’ukwizera kwacu kivyagiye kand’agashika ku mutima w’Imana akawukorako.

Imana Umukiza wacu,
igomba kw’abantu bose bakizwa
bagashika ku kumenya ivy’ukuri.

(1 Timoteyo 2:4).

Ariko muri Korowani, Allah yivuga mu bwinsihi bw’ukwubahwa:

Iyo tuza kubishaka,
buri muntu Tuba twaramuhaye ubukiranutsi bwe tukanamushyiramo umutima wo
gushimira Ubuntu bwaCu.
Ariko amagambo yanjye azashitswa:
‘Mu by’ukuri byose abantu n’amajini nzabyuzuza muri Jihanamu’

(Sura al-Sadjda 32:13)

اوَلَوْ شِئْنَا لآتَيْنَا كُلَّ نَفْسٍ هُدَاهَا ا
اوَلَكِنْ حَقَّ الْقَوْلُ مِنِّي لأَمْلأَنَّ جَهَنَّمَ مِنَ الْجِنَّةِ وَالنَّاسِ أَجْمَعِينَ ا
ا(سُورَةُ السَّجْدَةِ ١٣:٣٢)ا

Iyo mvugo n’ibindi nyene bisa nk’ivyo mu gitabu c’aba Islamu vyerekana ko Allah ata n’iciyumviro yigirira co gukiza no gucungura abiwe bo n’abantu bose. Uyu murongo ngo:” Iy’aba vyashoboka”” Arikw’ikibazo ni uko Allah ata n’icipfuzo yigirira namba. Si abiwe na gato. Yifitiye ibindi bimuraje ishinga. Ni imana, data.

5.02 -- Integuro y’agakiza mw’Isezerano rya Kera

Agakiza gatangura kuvugwa muri Torati igihe sogokuruza Yakobo ari ku mpfiro yavugishwa ku muhungu wiwe Dani ibiteye ubwoba (Itanguriro 49:17). Uwo mutama ataracikana yavuze ati: “Ewe Uhoraho, niteze Agakiza kawe” (Itanguriro 49:18).

Yari arindiranye igishika ubugingo bwejejwe butagira agasembwa bwo kwibanira n’Imana, ahatagira imivumo cank’ubwoba, aho atazongera kwirukanwa mu gihugu. Yari arindiriye aho ijuru rizomanukira gushika mw’isi, maze akibonera ugucungurwa n’Imana (Matayo 6,10; 13,43; Luka 12,36; Abaroma 8,19; ab’I Filipi 3,20; 2 Petero 3,13; Abaheburayo 9,28; 10,13; 11,10).

5.03 -- Ugusangira Ukugendana n’Imana bitanga Agakiza

Mose yari ahagararanye n’abantu biwe ku Kiyaga Gitukura. Inyuma yiwe naho abona intumo y’imikogote ya Farawo n’ingabo ziwe zibakurikye zizanywe no guhonya ubwoko bwa Isirayeli. Imbere yiwe hari amazi menshi atajabukwa. Nta na hamwe bari bafise nk’ubuhungiro. Mose arahagarara ashize ubwoba aravuga ati: Ntaco mutinya: mwihagararire gusa, murabe Agakiza Uhoraho agira ngw’abazanire uyu musi, mutazokwongera kubona ukundi. Uhoraho ni we agira abarwanire, namwe ni mwinumire gusa. (Kuvayo 14:13-14)

Bamaze kujabuka Ikiyaga Gitukura cari kibabishije kubw’umuyaga w’inkubi utumwe n’Imana ukigabanijemwo kabiri bagacirirwa inzira nyabagendwa ahadashoboka ku gitangaza gikomeye c’Uhoraho, Isirayeli ikajabuka ata nkomanzi ariko ingabo za Farawo zikahatikirira zose. Mose ashima Imana ku ntsinzi n’Agakiza kayo. Imana ni yo gakiza ubwayo. Maze ahimbaza Uhoraho Imana muri aya majambo dusanga muri Zaburi: Uhoraho ni inkomezi zanje n’indirimbo yanje, ampindukiye Agakiza. (Kuvayo 15:2)

Bagitangura urugendo rw’ubugaragwa, Mose n’abo arongoye batahuye neza kw’Agakiza ari ak’Imana yonyene mu kwifatanya nayo, ukagendana nayo. Ntaco twokwishoboza kubwacu twenyene (Kuvayo 13:12; 15:26; 16:15; 17:1; 33:10-23; Guharura 6:24; Gusubira mu Vyagezwe 2:7; 6:5; 7:11; 14:1).

5.04 -- Ugusangira n’Imana bituma tuba mubuzima bw’ukwihana

Icakaburira Dawidi nk’umwami, wari umugisha w’uko Uhoraho ari Umunara w’Agakiza kiwe nk’umwami kand’akidweberera mu bugwaneza nko kugira neza k’uwasizwe amavuta. (2 Samweli 22:51; Zaburi 18:51) Ntiyakekeranije kuvuga ati: “Umuntu wese anshikaniye ikimazi c’ishimwe aba ampesheje icubahiro: kand’utunganya ingeso ziwe Nzomwereka Agakiza k’Imana." (Zaburi 50:23)

Naho biri uko, tubona ko Dawidi yakoze icaha c’ubusambanyi n’ukwica. Yaraciye bugufi kuri ico caha arihana mu kwatura kw’Agakiza katagarukira ku mahoro gusa n’ukuroranirwa muri vyose mu bo urongoye nk’iguhugu ariko kari mu kumenya ko wacumuye ukicuza, maze ukihana. Dukizwa n’uko tuvuye mu vy’akameremere kacu tugahindurwa basha. Dawidi yigishije benshi gusenga: Mana, undememwo umutima utunganye; unsubizemwo umutima uhamye. Ntunte kure yo mu nyonga zawe, ntunkureko Mpwemu wawe Yera. (Zaburi 51:10-11)

Muri Ezekiyeli 36:26-27, dusoma inyishu y’Imana nzima kw’isengesho ry’ukwihana uko urunganwe rwagiye rukurakuranwa ngo: Kandi nzobaha umutima musha, mbashiremwo impwemu nsha; nzokura umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yanyu, mbahe umutima woroshe nk’inyama. Kandi nzobashiramwo Mpwemu wanje, ndabagendeshereze mu vyagezwe vyanje, namwe muzokwitondera amabwirizwa yanje, muyashitse. (Yeremiya 31:33; Ezekiyeli 11:19-20; Abaroma 1:16-17)

Ata kwihana, ata mbabazi n’uguharirwa hamwe n’uguhindurwa musha mu mutima, ntushobora gusangira n’Imana yera, Mushobora vyose, kandi nta n’umugabane ufise mu gakiza kayo.

5.05 -- Isezerano ry’Imana ku gakiza biciye ku Mukozi Umwami

Umwe mu nteguza zikomeye mu kwizera zo mw’isezerano rya Kera tubona kw’ari Yesaya. Yaremesheje ubwoko bw’Imana igihe bari baburaniwe, bishwe n’agahinda ko gucunaguzwa n’intwaro y’i Babuloni, aho bari mubuja; maze abazanira inkuru nziza mu majambo avuye ku Mana ati: “Jewe, jewe nyene nd’Uhoraho; kandi nta wundi Mukiza atari jewe." (Yesaya 43:11)

Agerekako ayandi majambo ngo: Ni muntumbere mukizwe, mwa mpera zose z’isi, kukw’ari jewe Mana, ata yindi. … Amavi yose azompfukamira, n’indimi zose zizondahira. Uhoraho, muri We honyene ni ho har’ukugororoka n’inkomezi, ni ko bazovuga.’ (Yesaya 45:22-24; ab’I Filipi 2:5-11)

Yesaya yashingiye intahe y’uko isi yose izohindukirira Uhoraho. Uwutamufise nta gakiza azobona namba kandi nta amahoro azoronka. (Matayo 11:28-30; Abaroma 5:1-5; Abanyefeso 2:13-22).

Uwo muvugishwa n’Imana yumvise ubutumwa bw’Imana buhawe Umukozi w’umwami Imana, bukaba bwari n’akamo amutera kugira ngw’arangure igikorwa c’ugucungura abo mw’isi: Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihagije; ariko kandi ndagushizeho ng’ube umuco wakira amahanga, kugira ngo n’abo ku mpera y’isi ubashikirize Agakiza kanje (Yesaya 49:6)

Yesaya yamenye kw’ugusangira n’Imana mukagendana ritari ibakwe ku Bayuda bonyene, ariko ryategerezwa kuba iry’abantu bose, ku bemeye guhindurwa basha bakinjira mu nteguro yayo y’Agakiza. Gushika uyu musi, iki gice cirengagizwa na benshi mu mashengero. Kiratomora neza ko Mesiya yaje nk’umuco wakira abo mw’isi bose kand’ari Umukiza w’amahanga yose (Yohana 4:42; 8:12).

Uyu mushumba w’Uhoraho arasenga muri Zaburi avuga atya: “Ndabira igikombe c’Agakiza, nambaze izina ry’Uhoraho." (Zaburi 116:13)

Aho ni ho yerekanira ko yiteguriye kubabazwa mu buryo bwose nk’uko Yesaya abivuga mu kigabane ca 53 imirongo ya 4-12. Agakiza ntigashoboka ata mpongano y’ivyaha y’Uwasizwe ibayeho.

Ukuzuka n’ukuduzwa mw’ijuru kw’umuziranenge yapfuye ataco azira kwari kwaravugishijwe kenshi: “Uhoraho ni we nkomezi zanje n’indirimbo yanje; kandi yahindutse Agakiza kanje. Mu mahema y’abagororotsi hari ijwi ry’impundu n’iry’Agakiza; ukuboko kw’I buryo kw’Uhoraho gukora ivy’ubuhizi. Ukuboko kw’Uhoraho gushizwe hejuru, ukuboko kw’I buryo kw’Uhoraho gukora ivy’ubuhizi!" (Zaburi 118:14-16)

Twongera gusoma muri Zaburi 110:1 ngo: “Uhoraho yabariye Umwami wanje ati Icara I buryo bwanje, ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava y’ibirenge vyawe."

Ni vyinshi bivugwa ku mugambi w’Imana w’agakiza nk’uko dusesanguye tubisanga mw’Isezerano rya Kera.

5.06 -- Islamu – idini ry’ukugororoka kubw’ibikorwa

Muhamedi yashize muri Korowani ibintu vyinshi akuye mu bitabo vya Mishnah, Talmud, hamwe n’ibindi bitabo vyinshi vy’Abayuda nk’uko yavyiganirwa n’Abayuda ubwabo igihe yari I Medina. Ariko hari vyinshi vyo mw’Isezerano rya Kera atashoboye kuronka, na cane cane ivy’urufatiro. Ukugendana n’Imana hamwe no gusangira nayo mu vy’isezerano ryo kugenderanira Umwami Uhoraho yagiranye na Aburahamu, Isaka na Yakobo hamwe n’uruvyaro rwabo biravugwamwo ariko ntibabitahura. Allah aguma ari mu vyiyumviro gusa, ari kure cane, arubashwe nk’umunyacubahiro, akaba Imana iteye ubwoba. Ntakeneye kuba hafi canke ngw’asangire ikintu na kimwe n’abamusenga. Ntaho ahuriye n’ubuzima bwabo. Kubw’ivyo, kwezwa kw’umu Islamu mu buzima bwa buri musi sico kibazo nyamukuru. Allah aguma ari mukuru, ntazwi, agakorana n’uw’ashatse, akagendesha mu vy’ukugororoka uw’ashatse. (Suras al-‘Anam 6:39; al-Ra’d 13:27, Ibrahim 14:4; al-Nahl 16:93; Fatir 35:8; al-Muddaththir 74:31). Ntiyiyegereza na rimwe aba Islamu kandi nta kimuhuza na kimwe n’abakurikira Muhamedi. Ni abagurano bari aho gusa, intumbero yabo akaba ari ukumusenga gusa ariko akaba ata na kimwe gishobora kubahuza.

Uruti rw’umugongo wa Islamu ni icagezwe citwa Shari’a. Ni rwo bwoba nyabwo. Si urukundo rwa Allah na gato. Ni yo iri hejeu mu bikorwa vyose vy’ugusenga no mu buzima bwa buri musi bw’umu Islamu (Sura Al ‘Imran 3:50; etc.). Ubwoba bw’urupfu, imva cank’i kuzimu hamwe n’umusi w’amateka ni vyo bibatinyisha bigatuma bubaha vyimazeyo ya mategeko arenga 500 bahawe (Sura al-Anfal 8:50). Bizera ko ibikorwa vyabo bakorera Allah hamwe n’ivy’ibikorwa vyiza bishobora gupfukapfuka ivyaha vyabo, maze kubw’uburemere bifise bikazobatsindanishiriza (Sura Hud 11:114). Ntibiyagiriza ko ari abanyavyaha bakeneye gucungurwa. Ntibabona impamvu yo kwihana ivyaha no guhindurwa basha mu mitima yabo. Ikibaraje ishinga ni ukwumvira Allah na Muhamedi (Sura al-Hudjurat 49:14-15). Umu Islamu yamana ivyizigiro vy’ivyo yagezeko akurikije Shari’a, kugira ngo azinjire muri Paradizo ya Islamu (Sura al-Baqara 2:25.82). Yumva ko ata Mukiza akeneye. Bazi kandi bakumva ko ata kibagiriza, ntibamenya ko ari abanyavyaha canke ko bazimiye. Ico bamenya gusa n’uko idini ryabo rya Islamu ribahagije.

Mu kurwanira Allah, umu Islamu azi yuko:

“… Wigira agahinda, kuko Allah ari kumwe natwe ...” (Sura al-Tauba 9:40)

ا... لاَ تَحْزَنْ إِنَّ اللَّهَ مَعَنَا ... (سُورَةُ التَّوْبَةِ ٤٠:٩)ا

Atuma abarwanyi bataboneka kudufasha mu kurwana Intambara Nyeranda gushitsa abansi bose ba Islamu batsinzwe.

“1 “[Ntumwa y’Imana (Sal-Allaahu ‘alayhi Wa Sallam) we!] Mu by’ukuri Twe twamaze kuguha intsinzi igaragara. 2 Kugira ngo Allah aguhanagureho ibyahise [abahakanyi babonaga ko ari] amakosa yawe, ndetse n’ibyo washoboraga [kuzashinjwa] mu bihe biri imbere. Kandi aguhundagazeho Ubuntu Bwe, kandi [azahora iruhande rwawe] akuyobora muri byose mu nzira ye igororotse. …” (Sura al-Fath 48:1-2)

ا١ إِنَّا فَتَحْنَا لَكَ فَتْحاً مُبِيناً 2 لِيَغْفِرَ لَكَ اللَّهُ مَا تَقَدَّمَ مِنْ ذَنْبِكَ وَمَا تَأَخَّرَ وَيُتِمَّ نِعْمَتَهُ عَلَيْكَ ... ٤ ... وَلِلَّهِ جُنُودُ السَّمَاوَاتِ وَالأَرْضِ ... (سُورَةُ الْفَتْحِ ٤٨: ١-٤)ا

Intambara y’impwemu uwudahagaze yirwanirira ahanini ntayimenya.

Muhamedi yakunda abagore cane. Yabanje kurongora Aisha, umwana w’umwigeme w’imyaka icenda. Hanyuma yipfuje Zainab, umugore w’umuhungu yari areze nka se yitwa Zaid. Yagezeho aronka uruhusa rwa Allah rwo kumumutwara burundu amaze kwahukana n’umugabo wiwe bashingiranywe mu mategeko (Sura al-Ahzab 33:37). Yaryamanye n’incoreke yiwe y’Umunyegiputakazi Mariya mu cumba c’uwundi mugore wiwe yitwa Hafza, uwo nawe akaba atari ho yari ari mur’ico gihe. Nyuma yukw’abagore biwe bakiri bato bamushavuriye yararahiye ararengwa kw’atazosubira gukora amabi nk’ayo; ariko ntiyatevye kuko yari yabaye ingeso muri we y’akaranda. Ni ho avuga ko yaronse itegeko rya Allah kw’ashobora gusubira ku ndahiro, aca abitegeka n’aba Islamu bose ko vyemewe gusubira ku ndahiro iyo ari ivyerekeye n’abagurano b’abakobwa (Sura al-Tahrim 66:1-7).

Nibaza ko tutokwihutira gucira urubanza Muhamedi kuko Yesu yavuze ati: “Utagira icaha muri mwebwe, n’abe ari we abanza kumutera ibuye” (Yohana 8:7b). Abantu benshi bakora icaha nka Dawidi, ariko bake cane nibo bihana nk’uko Dawidi yabigenjeje; ivyo bikabari uko batarakamenya ya Mana yera y’urukundo.

Ivyo ukubana, kugendana no gusangira n’Umwami nk’ukw’isezerano riri hamwe n’ukumenya amasezerano y’Isezerano rya Kera ku mugambi w’inzira y’Agakiza ntibizwi muri Islamu na gatoya.

5.07 -- Umukiza yararanguye igikorwa ciwe c’Agakiza muri iyi si

Umumarayika w’Umwami Imana ategeka Yosefu na Mariya kwita Umwana, yavutse mu bushobozi bwa Mpwemu Yera, Yesu, kukw’ari we azokiza ubwoko bwiwe ivyaha vyabo (Matayo 1:21; Luka 1:31). Izina Yesu risobanurwa ngo: Umwami aramfasha, arakiza kandi ni we ntsinzi. Umwana wa Mariya yaje gukiza abo bose bemera kw’abacungura. Agakiza kiwe si ako ivya politike canke ivy’ubutegetsi bw’igihugu. Agakiza kerekeranye n’ugucungurwa kw’abo bose bashaka kwihana ivyaha vyabo bakabivamwo, ibizwi n’ibitazwi vyose hamwe. Yesu abohora ababoshwe bose bakiri mu bubasha bwa satani n’urupfu rwimirije, akabakiza uburake bw’Imana. Agakiza ka Yesu ni intambuko ku yindi, mu mpwemu, ah’atunganya mu kweza kandi akubaka abantu biwe mu mpwemu nyene kugira ngo abategurire ubwami bwiwe, nabwo nyene bw’impwemu (Yohana 18:36-37). Izina rya Yesu riri murutonde rw’Imana kuri buri wese. Iryo zina ririmwo ivyuzuye vyose vy’Agakiza, ririmwo ububasha bw’Imana mu gushitsa vyose nk’uko vyategekanijwe. Iryo zina rirahambaye kuruta ayandi mazina yose, rigaragara ibihetangabo 975 mw’Isezerano Risha.

5.08 -- Uk’Umukiza yaje mw’isi

Umumarayika w’Umwami Imana amena umwijima wari ukikuje imisozi y’I Betelehemu maze abonekera abungere mu muco ukayangana, arababwira ati: “Ntaco mutinya, umve ndababarira Ubutumwa Bwiza bw’akanyamuneza kenshi kazoba ku bwoko bwanyu bwose. Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami. (Luka 2:10)

Igikono kivanze n’umuziki vy’umuririmvyi ku musi wa Noheli vya Yohana Sebasiyano Bach ni nk’umunezero wagaragaye mu bamarayika bahimbaza Imana mu gutangura ibihe bishasha mw’isi. Umwami w’amahoro yari aje. Nk’uko umwami w’abami Kayisari Augusito yari ku Ngoma ico gihe, uwo Mwami w’Amahoro nawe yari yambaye icubahiro c’uko ari “Umukiza” icemezo ntahava c’amahoro atazoshira. Yesu, yaruta Augusito! Yari Imana yihinduye umuntu! (Yesaya 9:5-6; 40:11). Imana yihinduye umuntu kugira ng’umuntu yononekaye akabora nawe amenye ico ari co. Agakiza kuri bose kanyegejwe muri uwo mwana avutse, urwo ruyoya. Naho Kristo umuziranenge yagaragara ko aruta Yohana Umubatizi kandi niko vyari biri, yaje kuri we ngo amubatize muri Yorodani. Uwo muvugishwa yashoboye kumenya Umuhungu wa Mariya, bimutera isoni kuba yomubatiza kuko yari yiyizi nk’umunyavyaha. Uwo Yesu, nk’uwuserukira abantu bose, yemeye kwikorera ivyaha vy’abantu bose yemera kurenganywa mu gishingo cabo (Matayo 3:13-17). Kubw’ivyo, amajuru aruguruka, maze Mpwemu Yera, ari mw’ishusho y’inuma amanukira kuri Yesu nk’ikimenyetso c’ubugwaneza bw’ububasha bwiwe. Maze Imana irivugira mu gutangariza amahanga iti: “Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara!” Ubwonyene, Yohana yarabitahuye neza kandi aranabishingira intahe avyeruye ati: “Raba, Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana, ukura icaha c’abari mw’isi” (Yohana 1:29-34). Iyo Kristo adapfa, Agakiza kacu ntikari kuboneka. Kubatizwa kwiwe kwabaye intango y’igikorwa ciwe nk’Umukiza w’isi.

Yesu asobanurira Nikodemu, umwe mu bakuru b’Isinagogi, aho bari bicaye hamwe bayaga mw’ijoro ati: “Nk’uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni ko n’Umwana w’Umuntu akwiye kumanikwa, kugira ng’uwumwizera wese aronke ubugingo” (Yohana 3:13-16). Yesu, yageragejwe nkatwe, ariko ntiyigeze akora icaha, aremera ahinduka icaha ku bwacu, kugira ngo natwe muri we turonke ukugororoka Imana yemera (2 ab’I Korinto 5:21; Abaheburayo 4:15). Kubwo urukundo, yikoreye ivyaha vyacu ariko aguma ari Uwera. Ni muri ubu buryo, yashushanijwe n’umuringa w’inzoka kugira ngo akize abazomuraba bose.

Yesu yabwiye abigishwa biwe ati: “Nk’uko Umwana w’Umuntu atazanywe no gukorerwa, atari ugukorera abandi no gutanga ubugingo bwiwe kw’incungu ya benshi.” (Matayo 20:28)

5.09 -- Isezerano Risha mu Rupfu rwa Yesu nk’Impongano y’ivyaha

Yesu atanguza ingaburo Yera, yasobanuriye abigishwa biwe intumbero n’ikiri mu gakiza. Bagiye gufungura abanza gufata umutsima, awushimira Imana, arawuhezagira, arawumanyagura maze ahereza abigishwa biwe mu kuvuga ati: “Akire, murye, uyu ni umubiri wanje”. Bahejeje kurya, yuzuye agahinda kenshi, afata n’igikombe, agishimira Imana nk’uko yabigenjeje ku mutsima, maze ahereza abigishwa biwe arababwira ati: “Ni mukinywereko mwese, kuko iki ari amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha” (Matayo 26:26-28; 1 ab’I Korinto 11:24-26). Nk’uko imibiri yacu yakira uwo mutsima n’umuvinyu bikaduha inkomezi nsha, ni ko Yesu nawe ashaka rwose kuza akibera muri twebwe. Kandi akigumanira natwe ibihe bidashira. Iyo abanye natwe ni ho n’imigengeranira yacu n’Imana igenda neza. Muri ivyo vyose igikenewe kuri twebwe n’uko twama twiyeza ku musi k’umusi mu maraso ya ca kimazi c’Isezerano. Agakiza gasobanurwa ugusangira kwacu canke imigenderanire myiza n’Imana yacu, bivuye ku kubabarirwa ivyaha (Abanyefeso 3:14-21; 1 Yohana 1:7; Ivyahishuriwe 1:5-6).

Ijambo rya mbere na mbere Yesu yavuze ari ku musaraba ryari iryo kwingingira abanyavyaha bose nk’Umuherezi Mukuru ati: “Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora!” (Luka 23:34). Umwana w’Imana, naho yariko arababazwa cane ari mu gahinda kenshi, ntiyasenze asaba kw’Imana yomukiza ivyo yariko aracamwo; ahubwo kubwo urukundo rudasanzwe, rudashira nk’Umukiza, yasengeye abariko baramwica urupfu rw’urubozo bose. Imana yakiriye ugusenga kw’Umwana wayo. Ikimazi ciwe c’impongano y’ivyaha catsindanishirije abamwizera bose.

Umwe mu bari bambanywe na Yesu yumvise amusengera aho kumuvuma, vyatumye aca bugufi nawe arihana ivyaha vyiwe yari yarakoze kandi yarabihariwe aronka Agakiza ku munota wa nyuma aragwa Ubwami bw’ijuru. Naho yariko arababazwa, yavuze ati: “Yesu, uranyibuke aho uzozira mu bwami bwawe!” Umwami aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, uyu musi urabana nanje muri Paradizo” (Luka 23:39-43). Inkozi y’ikibi yari ibambanywe nawe i buryo bwiwe niyo yonyene Yesu yashoboye gukiza mbere yuko apfa. Intumwa ziwe zose zari zahunze zirutse. Uwundi bari bambanywe ntiyakijijwe kubw’inyifato yiwe yo kudaca bugufi no kwikakisha ntagire ukwizera. Uwari i buryo yabaye icitegererezo c’abandi ko bashobora gukizwa. Agakiza ni ingabire ku buntu ibonekera mu Wabambwe kuri uwo wese yemeye kwihana ivyaha vyiwe, akamwisunga uko ari kose.

5.10 -- Intsinzi ya Kristo ku musaraba

Inyuma y’amasaha atandatu yose ababarizwa ku musaraba, yesu arasemerera ati: “Birarangiye!” (Yohana 19:30). None n’ibiki vyari birangiye?

Ariko aracikana ku musaraba, Yesu yatujije uburake bw’Imana ku bantu bose bo mw’isi. Kuva ico gihe, abemeye kumwizera bashoboye kwuzura n’Imana Yera ukundi gusha.

Ivyasabwa n’Ivyagezwe vyujurijwe mu rupfu rwa Kristo.

Yababarijwe mu gihano c’ibigabitanyo n’ibicumuro vyose ku musaraba w’isoni.

Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro,
yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo:
igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we,
kandi imishishagu yiwe ni yo idukiza.

(Yesaya 53:5)

Satani yagerageresheje Yesu icitwa icaha cose. Ariko Yesu yakunze abansi biwe, agumana ubwizigirwa muri Se kandi ntiyacishwa intege no kwihebura namba mu vyo yariko aracamwo vyose. Kuva ico gihe, Satani nta bubasha akigira bwo kurega abizera Kristo.

Kristo yaratsinze ivyodutsindishije tukarandurwa n’uburake bw’Imana, atsinda icaha cose n’ ububasha bwa Satani. “Kuko ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira.” (Abaheburayo 10:14)

Guhera Yesu apfa ku musaraba, ukuri kw’intumbero y’Agakiza kwabaye impamo kamdi ni kuri uwo wese yamwizeye. Ntazopfa ukundi kubw’Abayuda cank’aba Islamu, yapfuye rimwe gusa kandi birahagije. Urupfu rwiwe rwo ku musaraba rwarangije vyose, kuri bose, nk’uko umupatiri yitwa Boos, yavuze abikuye ku mutima w’ivugabutumwa ati: “Iyi si yononekaye yaracunguwe ariko ntavyo iramenya, -ahandi naho yanka kuvyemera!”

5.11 -- Ukuzuka kwa Kristo gushingira intahe Agakiza kacu

Amaze kuzuka mu bapfute ku musi wa mbere w’imisi ingwi (ku w’Imana) mu gatondo kandi amaze kwiyereka abishwa biwe bari barahunze kubwo ubwoba, ikintu cambere yakoze, yabahaye amahoro y’Imana avuga ati: “Amahoro abe muri mwebwe!” (Yohana 20:19) Ntiyababoheye kwakira amahoro ya Islamu ariko yabagabiye ibakwe ryo kwemera ugucungurwa yabazaniye, bakavyakira bivuye ku gushaka kwabo. Ukuzuka kwa Kristo ni ikimenyetso c’Imana ku gikorwa c’uko Yesu yarangije gucunguza abantu Agakiza. Kuba Yesu yarazutse mu bapfye, turabizi tudakekeranya, ni ukuri:

Yesu ni Uwera kandi nta gasembwa agira, nta caha agira. Iyo aza gukora icaha na kimwe mu majambo, mu bikorwa canke mu vyiyumviro, urupfu rwari kumugumya. Ariko noneho, Yesu yarazutse, atsinda ururpfu. Ukutagira icaha kwiwe, ukwera kwiwe n’ubumana bwiwe vyaragaragaye. Turamusega kuko ari Uwera.

Ukuzuka kwa Kristo kandi gusobanura ko Imana yakiriye, igashima ikimazi c’Umwana wayo c’impongano. Yesu ntiyananiwe, nk’Umwagazi w’intama w’Imana, nk’uko ibipfapfa vyiyumvira, ariko yashitse ku mugambi wiwe wo kwuzuza no guhuza abo mw’isi na Data ari we Se. Ikimazi yatanze c’ibihe bitazoshira cugururiye abanyavyaha bose inzira y’Agakiza ku Mana: abashaka kwihana. Dusenga Yesu kubwo igikorwa gihambaye yakoze akakirangiza co kudupfira nk’impongano y’ivyaha vyacu.

Yesu ni muzima! Yarazutse, ni Umukiza wacu! Ariho! Muhamedi ariko yarapfuye kandi arindiriye kuzocirwako iteka kuri wa musi. Aba Islamu bose ngo bategerezwa gusengera Muhamedi buri gihe bagiye mu masengesho mu kumuvuga mw’izina (Sura al-Ahzab 33 :56), ariko Yesu wacu we, aradusengera imbere ya Data nk’uko aduserukira. Dusenga Yesu kuko ariho ibihe bidashira kandi akaba umuvugizi wacu imbere ya Data.

Mu maraso y’Umwagazi w’intama w’Imana, twaratsindanisjirijwe ku buntu bw’Imana, tuboneraho no kubabarirwa ivyaha vyacu vyose. Martin Luther yahishuriwe ibanga ry’Agakiza igihe yariko yigisha ikatikisimu:

Nizera ko Yesu Kristo ...
ari Umwami wanje
yankijije aho nari nazimiye kandi ndi uwo gutsindwa n’urubanza,
maze arambohora arancungura; maze ankura mu vyaha vyose,
ankura mu rupfu n’ububasha bwa wa mubi.
Nta zahabu cank’ifeza vyari kubinkorera,
ariko kubw’amaraso yiwe y’igiciro,
kubw’imibabaro y’uwutagira icaha n’urupfu rwiwe,
vyatumye mpinduka uwiwe; non’ubu nibera mu Bwami bwiwe
nk’uko ari we angenga kandi nkamukorera,
mu kugororoka no kwama mu migisha yiwe
y’ibihe bidashira, nk’uko yazutse mu bapfuye,
ariho kandi aganje ibihe bitazoshira.
Ivyo ni ukuri, ni ukuri.

5.12 -- Guhakana ko Kristo yabambwe akazuka Muri Korowani

Allah wa Islamu ntiyemera umuhuza, umwagazi w’intama canke umufasha. Yemera Umuremyi gusa, Umwami n’umucamanza w’ivyo yaremwe vyose. Aba Islamu benshi bemeza neza kw’iyo Allah aza gukenera uwumufasha cank’umukiza wo gucungura abantu, ntiyari kuba akimenya vyose. Bizera ko Allah ababarira uwo ashaka n’igihe ashakiye. Iyo adashatse guharira ntabikora, biguma uko. Aguma ari segaba, nta kimufatira kandi arigenga mu mwidegemvyo wiwe wose. Allah wa Islamu si Imana Data nk’uko twebwe Abakristo tuyizi, ya Mana yuzuye urukundo, yiteguriye gutanga Umwana wayo w’ikinege ku banyavyaha bariko barapfa rubi nk’uko vyanditswe muri Yohana 3:16.

Korowani irongera igahakana ko ata woshobora guhanirwa uwundi canke gutangira uwundi ikimazi c’ivyaha yakoze kubw’urukundo rwa agape. Kubera ko urukundo rwa agape rw’Imana rutabaho muri Islamu, ugucungurwa muri Islamu nako ntikubaho. Ivy’amategeko y’ibimazi mw’Isezerano rya Kera no gushitswa kwavyo mu rupfu rwa Kristo ntivyemerwa mu bahinga b’Ivyagezwe vya Islamu, mbere ntibinashoboka.

Korowani irahakana rwose ko Kristo yabambwe (Sura al-Nisa’ 4:157). Kubw’ivyo, ivy’ugutsindanishirizwa no kwuzura n’Imana ntivyumvikana na gato muri Islamu. Uburake bw’Imana buri kuwo uwo ari we wese, yaba umu Islamu canke uwundi wese atitondera ivyagezwe (Yohana 3:36). Abigisha Korowani bigisha iterabwoba mu ba Islamu bose ko umumarayika w’umwijima azobasanga n’i kuzimu aho basinziririye, mu gihe ibikorwa vyabo bibi biri musi y’ibikorwa vyiza bakoze bakiri mw’isi.

NtAgakiza ku buntu kabaho muri Islamu kuko uwo ari we wese ategerezwa kwikiza nk’uko idini ryabo ryigisha.

Aba Islamu bahakana ko Kristo yazutse. Korowani ivuga ibihetangabo bibiri, nk’uko Muhamedi yavyanditsemwo ko Allah yasinzirije ‘Isa hanyuma akamusubiza kuba muzima ukundi gusha, akaba ari kumwe nawe mu bwiza bwiwe. Ibi bigasobanurwa ko ‘Isa atigeze ahambwa kandi kubw’ivyo, akaba atigeze yongera kuba muzima ukundi. Bisobanurwa nk’uko Islamu ibivuga, ko atatsinze urupfu. Allah yamutwaye akiri muzima ngo bibanire kugira ngo ntababazwe ku musaraba (Suras Al ‘Imran 3:55; al-Nisa’ 4:158)!! Kubw’ivyo, nk’uko Islamu yigisha abayo, ’Isa ntiyatsinze uburake bw’Imana, ku caha, Satani n’urupfu. Ubwo bubasha bwose burwanya Imana buracabandanya muri Islamu.

Muhamedi avuga kw’ari we mburi ariko atari umukiza ku rubanza rwimirije kuzoza mu bihe biri imbere. Ivyagezwe vyiwe ari vyo Shari’a, ni yo nzira ishikana aba Islamu muri Paradizo. Ariko hamwe n’ibitari ivyo, birashoboka. Nta wutsindanishirizwa kubw’ivyagezwe (Abaroma 3:20; ab’I Galatiya 2:16). Ubutungane bufata uwakoze icaha wese. Ivyagezwe aba Islamu bashizemwo ivyizigiro vyabo vyose ni vyo bizobatsindisha (Abaroma 4:15; Yakobo 2:10).

Amajambo “Agakiza” canke “Umukiza” ntushobora kuyabona muri Korowani. Ivyo bintu ntibibaho muri Islamu nk’uko Allah abiteganya mu mpuhwe ziwe ku bazimiye bose. Islamu ntiramenya namba ko “Imana yakunze ab’iyi si yononekaye ku buryo yemeye igatanga Umwana wayo w’ikinege kugira ng’uwumwizera wese ntaze apfe rubi arikw’ahabwe ubugingo budashira” (Yohana 3:16).

Uwamaze kumenya kand’agatahura kw’aba Islamu bose bamaze kwikumira ubwabo mu masengesho yabo ya buri musi, bakikura mu mugambi w’Agakiza kuzuye waranguriwe muri Kristo Yesu, akwiye no kumenya ko guhakana Ubuntu n’Agakiza vyatanzwe, bigumiza umuntu mu buja. Babaye intagondwa mu guhakana ugucungura kw’Imana ku burake bwayo, kubw’ivyo, aba Islamu bakaba bihitiyemwo gutsindwa n’urubanza (Yohana 3:36).

5.13 -- Agakiza mu buzima bw’umuntu n’ishengero

Imbere yuko Yesu aduzwa mw’ijuru, yabwiye intumwa ziwe kurindira ko Se abarungikira ico yabasezeraniye yongera no kubasobanurira artya: Yohana yababatirisha amazi, ariko mweho, mu minsi itari myinshi, muzobatizwa na Mpwemu Yera. (Ivyakozwe n’intumwa 1:4-5)

Yesu aha yariko aravuga ko yarangije igikorwa c’ugucungura isi mu gutanga impongano y’ivyaha mu rupfu rwiwe. Ubu rero cari igihe co gukoresha ako gakiza mu bemeye kumukurikira bose mu rwego rw’ivy’impwemu, nk’uko batoranirijwe igikorwa c’ubuherezi. Amaze kuzuka mu bapfuye, Yesu yaremesheje abigishwa biwe ati: Muzoronka ubushobozi Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi. (Ivyakozwe n’intumwa 1:8)

5.14 -- Gusukwako Mpwemu Yera

Yesu amaze gutsinda icaha ku musaraba cari kibangamiye isi kandi cari carazibiye imihezagiro yose ku bwoko bw’Imana, Mpwemu Yera yaramanutse ku musi wa Pentekote, asukwa nk’uko uruzi rutemba ku bizera bose bari barindiriye, bariko barasenga ubudahumeka (Ivyakozwe n’intumwa 2:1-4). Umusaraba ni wo udushikana ku kwakira Mpwemu Yera. Ata musaraba, ata maraso y’Umwami yasesetse, ntushobora kuronka Mpwemu Yera. Ntitwahawe Mpwemu Yera kubw’ibikorwa vyacu vyiza canke kubw’inkomezi zacu, ariko twamuronse kubw’igikorwa gihambaye ca Yesu Kristo. Ni we Muzabibu w’ukuri, natwe turi amashami (Yohana 15:4-8). Amashimwe yose ni ayiwe, abereye gusengwa no gutazirwa.

Ikintu ca mbere Petero n’intumwa bashingiye intahe bamaze kwuzuzwa Mpwemu Yera cari uko Kristo yabambwe yazutse kandi ari muzima. Ni ko baciye batangura guhamagarira ababumviriza kwatura no kwihana ivyaha vyabo; bahanura bose kwizera Umwami muzima Yesu Kristo no kubatizwa nk’ikimenyetso c’uko bamwakiriye mu bugingo bwabo, kugira ngo na bo bahabwe ingabire ku buntu ya Mpwemu Yera (Ivyakozwe n’intumwa 2:38).

5.15 -- Agakiza mu buzima bw’umuntu

Mpwemu w’Imana Data n’Umwana baramanuka bavuye mw’ijuru bakaza kubana n’abizera. Kubana n’uwizera wese si ikintu kiri mu buryo bw’ibishobisho cank’ikintu umuntu anywa kikamuhindura igikankara canke umunyenkomezi. Ni Imana ubwayo yiyizira mu buzima bw’umuntu arondera kumenya ukuri, hama agaca bugufi mu kuyirekera ukuganza kwose mu bugingo bwiwe nk’uko Ibishaka (Yohana 14:16,23,26). Aha ni ho bitandukaniye n’inyigisho za Muhamedi, kuko Mpwemu Yera atari impwemu yaremwe n’Imana. Yamyeho kand’ariho ibihe bitazoshira kuko ari Imana (Yohana 4:24). Uwo Mpwemu Yera arimwo, amuha n’ububasha bw’Umwami n’akaranga Kiwe kose. Agakiza ni ukuri kwamye mu buzima bw’abizera mu kuronka Mpwemu Yera. Dushimire Imana Data n’Umwana wayo kubw’ubuntu bwayo butangaje!

Hari vyinshi mu Butumwa Bwiza bitwigisha ku gikorwa c’Agakiza, kuko amajambo asanzwe y’umwana w’umuntu adashobora yonyene kudusobanurira ivy’ico gitangaza.

Yesu yabwiye Nikodemu kw’ata wushobora kubona Ubwami bw’Imana canke ngw’abwijire atabanje kuvuka ubwa kabiri, ngw’avyarwe n’amazi na Mpwemu (Yohana 3:1).

Umuvugabutumwa Yohana aravyemeza ati: Kukw’icavyawe n’Imana cose kinesha isi; iyi ni yo ntsinzi yacu yatsinze isi – ni ukwizera kwacu. (1 Yohana 5:4)

Yesu yivugiye ubwiwe ati: Mpwemu w’Imana ari kuri jewe, ni co catumye ansiga andobanuza amavuta kugira ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza … (Luka 4:18; Yesaya 42:7)

Umukristo yavutse ubwa kabiri nawe arashobora gusubira mwo ivyo mu kwizera. Ibihe vyinshi, na Bibiliya irabishingira intahe ko abeneye bose gukurikira Kristo nabo basizwe bakarobanuzwa Mpwemu (Yohana 16:13; 2 ab’I Korinto 1:21-22; Yeremiya 31:33-34; 1 Yohana 2:27).

Paulo nawe yandika avuga ko abizera “bashizweko ikimenyetso” na Mpwemu Yera kugira ngo abazigame gushitsa kuri wa musi w’amateka. (2 ab’I Korinto 1:21-22; 5:5; Abefeso 1:13-14; Ivyahishuriwe 7:2-8).

Ingabire y’ubugingo budashira ni bwo bundi buryo busobanura ko “Mpwemu Yera aba muri twebwe”, kuko We nyene ubwiwe ari ubugingo bwose buturuka ku Mana (Yohana 3:16,36; 5:24; 10:28; 17:2; 20:31; Ivyakozwe n’intumwa 13:48; Abaroma 7:6; 8:10,23; 1 Yohana 3:14; 5:11 f.). Ni nde yoba ariko arasenga ubwo Butatu Bweranda bw’Imana ngo yironkere ubwo buntu butangaje nk’ingabire?

5.16 -- Agakiza mu buzima bw’ishengero muri rusangi

Ingabire ya Mpwemu ntiyahawe abantu umwe umwe wese ku giti ciwe gusa nk’abizera, ariko uko bayironse kuva mu ntango, yagiye ikwiragizwa mw’ishengero ryose muri rusangi. Isezerano Risha ntiryemera ukwigungirako mu vy’impwemu canke kwinezereza umwe wese ku giti ciwe mu vy’ingabire za Mpwemu. Abizera Kristo bose hamwe bategerezwa gushikirwa m’ingabire umwe wese yahawe, kuko Mpwemu Yera aba muri bo, maze bagasabikanya, bagasangira (1 ab’I Korinto 3:16-17; 2 ab’I Korinto 6:16; Abanyefso 2:21). Paulo avuga ko ishengero turi umubiri wa Kristo (Abaroma 12:5-8; 1 ab’I Korinto 12:27; Abanyefeso 4:4), Yesu aribereye Umutwe, natwe tukaba ibihimba vy’umubiri kandi tukaba dutegerezwa kwuzuzanya hagati yacu.

Ubutatu Bweranda bw’Imana butwegeraniriza hamwe twese kuri Kristo uko tugendera muri Mpwemu (Yohana 17:21-23). „Urukundo rw’Imana rwasutswe mu mitima yacu na Mpwemu Yera twahawe" (Abaroma 5:5). Ni yo mpamvu Yohana yunganira iyo ntahe avuga ati: Imana ni urukundo; kandi uguma mu rukundo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we. (1 Yohana 4:16; Abanyefeso 3:18-19).

Kuba Mpwemu w’Imana Data n’Umwana binjira muri twebwe tukibanira, turavyemererwa kandi ni ukuri kwose nk’uko Ivyanditswe Vyera mw’Isezerano Risha ribishingira intahe. Gurtyo, biratubereye ko twokwatura tuti: “Ndizera Mpwemu Yera!” –ntitwemerere utwo tudumbidumbi ngo tutwibe ingingo yacu ngenderwako ya gatatu y’ivyizerwa vy’i Nicene twagabanye izuba riva; twibere mu bubasha bwose bwa Kristo Umwami wacu. Ubwiza bwa Mpwemu Yera mu muntu w’umubiri busobanura ingabire yuzuye yo gusangira n’Imana ukundi gusha, bikaba vyaramaze gutegurwa ku Meza y’Umwami ca gihe c’Ingaburo Yera. Agakiza katuzanira ubumwe n’Imana Data muri Kristo Yesu, Umwana wayo no mu bubasha bwa Mpwemu Yera. Turi bande kugira ngo Imana Data ibe yaraturobanuye, ikaduhezagirira kwibera mu bugingo budashira?

5.17 -- Twoshobora kuronka gute Mpwemu w’Imana?

Ica mbere, dukwiye kwemera ko ku musi wa Pentekote, Imana yasutse Mpwemu Yera ku bantu b’umubiri bose ata kuvangura (Yoweli 3:1-5; Ivyakozwe n’intumwa 2:16-21). Uwo Mpwemu yaraje. Ntakeneye kwongera kurungikwa ukundi gusha kuko twaramurungikiwe. Mu maraso ya Yesu Kristo no mu kugororoka, tumufiseko uburenganzira no kumwakira. Uwo wese yumviriza ijambo rya Yesu ah’avuga ati: Akira Mpwemu Yera! (Yohana 20:22)

Kandi akamwizera yamaze kuronka Mpwemu Yera muri ukwo kwizera nyene. Mpwemu Yera atuzamwo mu kwizera, nk’uko ukwizera ari imbuto canke kimwe mu vyamwa vya Mpwemu (Yohana 1:12-13; Ivyakozwe n’intumwa16:31; Abanyefeso 2:8-10; ab’I Filipi 2:12-13). Si ngombwa ngo tumwumve ubwo nyene. Igikuru ni uko twamaze kwizera ko ari muri twebwe kandi ari we aganza imitima yacu. “Umuntu wese anshikanira ikimazi c’ishimwe aba ampesheje icubahiro: kandi uwtunganya ingeso ziwe nzomwereka Agakiza k’Imana” (Zaburi 50:23). Uwo wese ashimira Imana mu kwizera ku ngabire yayo ya Mpwemu Yera ayihesha icubahiro, kandi aho ni ho nyene Imana imwerekera inzira y’Agakiza. Yesu yaradusobanuriye kenshi ingene dushobora kwakira Mpwemu w’Imana (Luka 11:9-12; Yohana 6:47,63; 10:27-30; 11:40; 14:26-27; 15:4-8; Ivyakozwe n’intumwa 2:39; 9:17-19). Wewe ni wizere! Senga ushima kandi wizere n’umutima wawe wose, ntukekeranye, kuko Yesu ubwiwe azokwiyegereza mu gakiza kiwe no mu bubasha bwiwe. Mu rukundo rwiwe, ntazogutetereza namba. Ni Mutananirwa.

Mpwemu Yera ntitwamuhawe ngo twigire mu biduhimbara vyacu, ariko igikorwa ciwe ni ukuduhindura basha ku musi ku musi no kutweza mu buzima bwacu bwa misi yose. Ukwo ni ko azokwama aduha ububasha bwo kumenya Imana Data n’Umwana (Abaroma 8:15-16). “Nta muntu ashobora kuvuga ati Yesu ni Uhoraho atabivugishijwe na Mpwemu Yera” (1 ab’i Korinto 12:3).

Mpwemu ni urukundo.
Ashaka kudutsindira ukwigungirako n’ukwikunda.

Mpwemu ni umunezero.
Adushakira kutitwararika ngo ntitwiganyire.

Mpwemu ni amahoro.
Atwipfuriza gutekana no kutangaza imitima.

Mpwemu ni ukuri.
Ashaka kudukuramwo agasembwa k’ububeshi bwose n’uburyarya.

Mpwemu ni ukwihangana.
Ashaka ko dutsinda ubugome bwo kuba intagondwa.

Mpwemu yicisha bugufi akaba agahore.
Ashaka kwica ubwibone muri twebwe.

Mpwemu ni Uwera.
Adukuramwo ivy’ameremere vyose vy’aka kera.

Ata kwezwa, nta wuzobona Umwami
(2 ab’I Korinto 7:1; 1 Tesalonike 4:3-8; Abaheburayo 12:14).

5.18 -- Mpwemu Yera niwe aturongora

Mpwemu wa Yesu atwigisha gusenga, guhimbaza no gutazira Data n’Umwana, kwatura no kwihana ivyaha vyacu, hamwe no gushima (Matayo 6:9). Aduhimiriza guhamagara na ntaryo Data mu gusenga no kuganira nawe. Abwiririkanya n’impwemu yacu ko turi abana b’Imana (Abaroma 8:14-16). Ni we atuma dusenga mu vyizigiro vyacu vyose kandi aduhimiriza kudacobogora (Abanyefeso 6:18-20).

Mpwemu aduha ishaka, akadushiramwo icagezwe c’urukundo n’impuhwe kuri abo bose bariko barapfira mu vyaha, akaduhimiriza kubashikira tubazaniye inkuru nziza y’Ubutumwa Bwiza mu buryo butahuritse. Petero ahagarara imbere y’ikombe ry’abacamanza, abakuru b’isinagogi aravuga ati: Nta wundi Agakiza kabonerwamwo, kuko ata rindi zina musi y’ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo…..” atari izina rya Yesu ryonyene. (Ivyakozwe n’intumwa 4:12; cf. 10:43).

Mpwemu Yera ni umunyembabazi, umunyakigongwe, arihangana kandi akadutsindira ivy’isano vyose. Araturemesha mu vyago kandi akaduha inkomezi zo gushingira intahe Kristo, nk’uko yaneshereje Paulo ibihe vyinshi gushika naho abishingira intahe avuga ati: Kuk’Ubutumwa Bwiza butantera isoni, ari ubushobozi bw’Imana, buzanira uwizera wese Agakiza … (Abaroma 1:16)

Mu gikorwa co gushikana Ubutumwa Bwiza mu Bayuda n’aba Islamu, Agakiza ka Yesu Kristo si ikintu c’ugutwarwa n’ibigumbagumba gusa canke ngo twibwire ko ari ivyo kwinezerererwa, ariko ni ukumenya ivy’ubuja abavukanyi bacu barimwo kuko baboshwe. Barakeneye kubohoka bagaca imigozi no kuva mu ntambara barimwo. Tumenye natwe ko tutarwana n’abo inyama n’amaraso. Si icoroshe kubashingira intahe ivy’uwo Mukiza no kubasobanurira ivy’umunezero w’uwo Yesu gushika aho bamutahura bakamumenya neza (Yohana 15:11; 16:24; 17:13). Ibi tuzobigerako neza tumaze gushika aho dushingira intahe uwo Mwami n’Agakiza atanga kuzuye. Reka rero twamamaze intsinzi ya Kristo Yesu tuvuga tuti: “… uyu ni umusi mwiza wo gukirizwako” (2 ab’I Korinto 6:2).

5.19 -- Korowani ivuga iki kuri Mpwemu Yera?

Mu Gitabu c’aba Islamu, hari imirongo 29 ivuga kuri “mpwemu wa Allah” na “mpwemu w’Uwera”. Akenshi, Jibril (marayika Gaburiyeli), avugwa ko ari we yatanze ihishurwa ry’Itorati, Ubutumwa Bwiza na Korowani. Mpwemu wa Allah abonekana muri Korowani nk’uwaremye Adamu mu buryo bw’isugi Mariya yamutwaye inda, biciye mu bitangaza vya Kristo no mw’ihishurwa canke iyerekwa ry’Igitabo Ceranda ca Muhamedi. Uko biri kose, mpwemu wa Allah vyerekana ko yaremwe, bikerekana kandi ko kubw’ivyo ata kantu k’ubumana kamurimwo namba canke ivy’uko abaho ibihe bidashira (Suras Bani Isra’il 17:85; al-Schura 42:52; al-Qadr 97:4 a.o.). Bica biboneka ko muri Islamu nk’ingingo ya gatatu yacu y’ivyizerwa batagira n’akanunu namba!

Uwo wese atahura ico ibi bisobanura aca abona ivyo abigisha b’ivyizerwa vya Islamu bavuga mu banywanyi babo. Ivyo ubuzima bw’impwemu Muhamedi n’abamukurikiye bose ntavyo bigeze bamenya, na Mpwemu Yera ntawe bigeze bamenya. Kumenya Imana Data n’Umwana babihakanye nk’uko kwoba ari ukurogota kutababarirwa muri Islamu. Ugucungurwa ku bubtu ntibishoboka muri Islamu (Suras Fatir 35:29-30; al-Tauba 9:11). Ivyamwa vya Mpwemu Yera canke amasengesho nko kuganira na Data ntibibaho. Allah ni we segaba kuri bo. Imana Mwana na Mpwemu n’Imana ntibabaho. Ni yo mpamvu Islamu ari “nk’ubumara bw’urupfu mu nkono” (2 Abami 4:40).

5.20 -- Kutagira ubuzima busha muri wewe

Guhahamira no gukunda birenze imihango yo gusenga kw’aba Islamu bitavuye ku mutima nta kamaro bifitanye na Mpwemu wa Kristo mu buzima bw’umuntu. Barazimiye nk’abandi bose bataramenya Yesu nk’Umwami n’Umukiza. Kwezwa no guhindurwa vyonyene mu bwiza bw’Imana kw’abizera Kristo ni nk’ikizira muri Islamu. Ico bazi ni ukwiruka inyuma y’ivy’ubutunzi bw’isi (Suras al-Anfal 8:41,67,70; al-Fath 48:20) no kurongora abagore benshi nk’ukw’umugenzo wa Islamu uri. Ububasha canke ubutegetsi hamwe n’ivyubahiro ni vyo bashira imbere y’ibindi vyose.

Ivy’ubugingo budashira nk’uko buhishurwa na Mpwemu Yera ntibibaho mu ba Islamu. Bizera ko ibikorwa vyabo vyiza gusa ari vyo Allah azobahembera mu guhanagura ibibi vyose bakoze (Sura Hud 11:114). Mpwemu aduhimiriza kandi akadutsindanishiriza mu rupfu rwa Yesu Kristo ntibaramumenya namba. Tumenye neza kw’impwemu ya Muhamedi atari iyera; ni iya antikristo kandi ntitunganye na gato.

Amadini yose abaho n’ubwenge bw’abantu bwose busanzwe ntivyishura ikibazo c’ivyo inyuma y’urupfu rw’umubiri kandi ni impfagusa. Yesu yaraduhishuriye ukuri kwose ati:

“N’ukuri n’ukuri ndababwire: Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rukinja, ariko aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo” (Yohana 5:24; 3:16, 18).

Yesu yongera gushinga intahe ko yatsize urupfu muri aya majambo aduhumuriza ati: Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Unyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho, kandi uriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo? (Yohana 11:25-26)

5.21 -- Icemezo c’Ubugingo budashira

Kuba kwa Mpwemu Yera mu bigishwa ba Kristo, Paulo yabivuzeko uku: "Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vyo kuzoronka ubwiza!" (ab’i Kolosayi 1:27). Mpwemu Yera twamusezeraniwe nk’ubwiza buzohishurirwa abizera Kristo bose (2 ab’I Korinto 1:22; 5:5; Abanyefeso 1:14).

Yohana nawe nyene yavyanditseko avuga ati: “Murabe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana, kandi ni ko turi! … Ariko uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, ni uko Yesu ni yahishurwa tuzosa nawe, kuko tuzomuraba uko ari” (1 Yohana 3:1-2; Ivyahishuriwe 1:13-18).

Paulo yari yarabishingiye intahe mbere hose avuga ati: “Kuko abo yamenye kera yabatoranije kera gushushanywa n’ishusho y’Umwana awyo, kugira ngo abe imfura muri bene Se benshi” (Abaroma 8:29).

Abakristo bagendana muri bo icemezo kitavaho c’ubugingo budashira, nk’uko Mpwemu Yera ari muri bo ari we bugingo budashira (Yohana 6:63; 17:3; Abaroma 6:23; 8:10; ab’I Galatiya 6:8; 1 Petero 4:6; Ivyahishuriwe 11:11). “Kand’umuntu wese amuzigako ivyo, ariyeza nk’ari Uwera” mu kurindira ukugaruka kwa Kristo mu bwiza bwiwe (Abaroma 13:11; 1 Petero 1:5,9; Abaheburayo 9:28).

5.22 -- Kugaruka kwa Kristo no guheraheza igikorwa c’agakiza

Yesu ahagaze imbere y’ikombe ry’abacamanza i Yerusalemu yabahishuriye ko amaze kuzuka mu bapfuye bazomubona ukundi gusha yicaye i buryo bwa Se ari mu bubasha bwose kandi ko azogaruka mu bicu amanutse avuye mw’ijuru (Zaburi 110:1; Daniyeli 7:13-14; Matayo 26:64). Ukugaruka kwa Kristo kuzoba guhambaye cane kuruta ibindi vyose. Uko ni ko dukwiye gutahura ivyo ducamwo vyose kandi tukabandanya duhanze amaso kuri ivyo cane cane kuruta ibindi. N’aba Islamu barazi neza ko Yesu azogaruka; ariko bo bazi kw’azoba aje kwica no gusangangura Antikristo, gusibanganya amashengero n’imva z’abapfuye, hanyuma akarongora, hamwe no guhindura abantu bose bakaba aba Islamu. Aha bagerageza kugereranya ukuri kw’ibizoba, mu kwigana gusa! Ariko baba bariko barahindagura uko kuri bakoreshejwe na dayimoni! Ubuvugishwa bwa Bibiliya kuri Kristo n’ukugaruka kwiwe mu bwiza bwiwe burabivuagako neza ariko mu bundi buryo atari ubwo. Turavyemeza mu vyizerwa vy’i Nicene ko azogaruka guca imanza, aje nk’igisuma. Kristo ni yagaruka gutwara ishengero, abazoba barapfuye bose bazozuka kugira ngo bacirwe imanza (Abaroma 14:10; Ivyakozwe n’intumwa 17:31; 2 ab’I Korimto 5:10).

5.23 -- Intebe y’Imanza ya Kristo

Uwusoma ivyanditswe muri Matayo 25:31-46 arimbura neza uko bizogenda ashobora kuzazanirwa kuko:

Umwami w’Ubwiza bwose azovyagira ku ntebe yiwe, maze amahanga yose akoranirizwe imbere y’ubwiza bwiwe. Nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene, niko azobigenza no ku bantu bose. Azoshima cane abamukurikiye bose abicaze i buryo bwiwe (i buryo bwa Se) kand’azobita abahirwe kuko bemangiye ukwizera kwabo mu marushwa baciyemwo kubwo izina ryiwe. Abakoze ivy’ukugororoka ntibazobitahura na gato nk’uko batamenye ko bariko barakora ivy’ashaka igihe bamubabarizwa mu kumushingira intahe. Ariko Yesu yahaye agaciro gakomeye ivyo bakoze vyose nk’aho ari we babikoreye. Umugabane wabo nk’uko yabisezeranye uzoba kuragwa ubugingo budashira mu Bwami bw’Imana.

Umucamanza w’iziroranye azobaza abaherereye i bumoso bwiwe impamvu batamuyobotse mu gukora ivyo ashaka mu gufasha aboro n’abakene. Bazomwishura ko ata we bigeze babona. Imitima yabo yari ikomantaye. Barikunda gusa bagashira inda zabo gusa imbere no kwiyumvira ivy’inyungu zabo gusa. Yesu azobabwira ati: “Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima, wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe” (Matayo 25:41).

Aha rero ni ho hari ikibazo gikomeye: Mbega abahezagiwe bakoze ivyiza gusa? Nta kibi boba barakoze? None izo nkozi z’ikibi nta ciza na kimwe boba barakoze? Ego cane! Ariko abemeye gukurikira Yesu baratura ivyaha vyabo bakavyihana kandi bakababarirwa. Ibibi bakoze vyose vyaca bipfukwa bikibagiranwa burundu mu buzima bwabo. Imitima yari yuzuye impuhwe kubwo urukundo rwari rubagwiriyemwo, bifatanije no kubabarizwa Yesu.

Nk’abigana wa murwanizi Satani, bafata iyindi nzira itandukanye rwose mu vyo bakora. Ntibigera bamenya ko bakoze icaha ngo bacihane no kugira ng’Umwami Yesu abone kubaharira. Bikumiriye ubwabo mu vy’Agakiza ku buntu kabateguriwe. Baragahakanye burundu. Amahera, ububasha n’ubutegetsi, ubushakanyi n’ibisa n’ivyo ni vyo vyabatwaye ubwenge mu buzima bwabo bwose. Gutyo barononekara muri kwa kuba intagondwa.

Reka rero twige neza turimbure ku bibazo kandi dutorere inyishu tuzohabwa n’Umucamanza w’iziroranye, tubisengere rwose kandi dusengere aba Islamu n’Abayuda bose bahakanye impongano y’ikimazi catanzwe ku buntu c’Umwana w’Imana. Urukundo rwa Yesu ruduhindure rwose mu kubasengera ubudahumeka kandi dusengere n’abo bitwararika ivy’ugusenga, bakizera, bakitanga kandi bagakorera uwo Mwami kuko bagendeshwa na Mpwemu wiwe.

5.24 -- Guhindurwa kwa bose Yesu agarutse

Yesu akiri mw’isi, yakoze ibitangaza bitoharurika yerekana ko ari Mushobora vyose (Yohana 21:25): yakijije benshi, asenda abadayimoni mu bantu barwaye. Ukuza kwiwe mw’isi kwirukanye impwemu mbi azambura ubushozi bwose mu bugingo bwacu. Ivyo bikorwa vyose vyategura inganji yiwe mw’ijuru risha n’isi nsha mu gihe kizoza, ibikorwa bizoranga ukugororoka kwiwe nk’Uwera (Yesaya 65:17; 66:22; 2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe Yoh 21:1,27).

Amaze kuzuka mu bapfuye, Yesu yaduhishuriye ico tuzoba ni yagaruka (Luka 24:36-43), nk’uko tubona uko umubiri wiwe w’impwmu washobora gutembagaza igitandara c’ibuye kiremereye kigakurwa ku mva yiwe canke akaba yoshobora no guca mu ruhome rw’inzu yugaye hose, ata wumwugururiye (Yohana 20:19). Natwe tuzoba twambaye umubiri musha utabora utagira agasembwa na gato (1 ab’I Korinto 15:42-44; 1 Petero 1:4-9). Nta kurongora canke kurongorwa bizoba bikiriho (Matayo 22:29-33; ab’I Galatiya 3:28). Tuzosenga, dukorere Imana yacu n’Umwagazi w’intama wayo, twambaye amakanzu yera y’ugutsindanishirizwa nawe (Ivyahishuriwe Yoh 7:15; 22:3-5). Aho ni ho vyose bizogaragarira ko: “N’uko rero umuntu wese iyo ari muri Kristo, aba ari icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.” (2 ab’I Korinto 5:17; ab’I Korinto 6:15)

Ivy’umunezero wo mw’isi nko kurya canke kunywa n’ibindi vyose nta bizoba bikibaho mw’ijuru. Dushaka kwigira mw’ijuru, maze twibonere Data (Luka 15:17-24)! Ugusangira n’Imana Data, ukwibanira n’Imana Data hamwe n’Umwana wayo ni ryo banga rikomeye, akaba ari ryo hangiro ry’Agakiza kacu (Yeremiya 7:3; Ivyahishuriwe Yoh 21:3). Amahoro n’urukundo vyiwe ni vyo bizodukikuza kandi bituzigame ibihe bidashira. Nta kubabara canke agahinda bizosubira kubonekana ukundi. Nta rupfu ruzoba rukiriho. Data azoduhanagura amarira yose ku maso twarize. Vyose bizoba bibaye bisha, vyejejwe kandi bitunganye mu kwezwa (Ivyahishuriwe Yoh 21:3-5; Abalewi 11:44; 19:5; Matayo 5:48). Ivyiza vyose n’ubuntu bwayo bizoba bidusagutse (Matayo 5:3-12). Tuzomenya vy’ukuri ico kwitwa abana b’Imana ico ari co no kuba mu muryango wayo (Abanyefeso 2, 19-22). Umwagazi w’intama w’Imana yishwe, akaducunguza amaraso yiwe kandi akatwinjiza mu gakiza kiwe bizogaragara ico gihe. (Ivyahishuriwe Yoh 7:10, 17; 21:22-23). Yesu ni we vyizigiro vyacu kandi ni we buzima bwacu (Yohana 14:6, 27; Abanyefeso 2:14), nk’uko umukinyi w’ivyese Krummacher yanditse avuga ati:

Ntaco mfise noguha, Mwami
wambereye vyose!

5.25 -- Uburogosi bwa Korowani ku vy’Umusi w’Imperuka

Ingingo ya gatandatu y’ivyizerwa ni iy’ukuzuka kw’abapfuye. Aba Islamu bashimikira ku bimenyetso vy’integuza. Aha harimwo ivya Gogi na Magogi agereranywa na Alexander the Great (Igikoko c’Amahembe Abiri (Sura al-Kahf 18:83-98)! Antikristo (Dadjdjal) azicwa na Kristo aho azoba agarukanye n’ingurube. Hanyuma, ’Isa amaze guhindura abatemera Imana bose aberekeza muri Islamu, nawe azopfa. Azohambwa hamwe na Muhamedi i Medina arindiriye nawe nyene umusi w’amateka (Sura al-Zukhruf 43:61)!

Marayika azovuza inzamba ya mbere. Kuri iyo nzamba nyene niho abaremwe abazoba bakiriho bose bazopfa canke bate ubwenge. Ku nzamba ya kabiri, niho igicu kizocikamwo kabiri, imisozi ikazimangana ikuweho, noneho abapfuye bazukire ubuzima (Suras al-An’am 6:73; al-Kahf 18:99; Ta Ha 20:102; al-Mu’minun 23:101; al-Naml 27:87; Ya Sin 36:51, al-Zumar 39:68; al-Haqqa 69:13; al-Muddaththir 74:8; al-Naba’ 78:18; al-Infitar 82:1-5; al-Qari’a101:4-7). Bazohagarara ku mirongo mu gacerere kose gushika umwe wese abajijwe ivyiwe (Sura al-Naba’ 78:38). Izo manza zizomara imyaka ingana n’ibihumbi mirongwitanu y’isi nk’uko babiharura (Sura al-Ma’aridj 70:4). Ibi bivugwa ibihetangabo 148 muri Korowani mu mazina atandukanye. Abamarayika bazorerura ku mitwe yabo intebe Allah azoba avyagiyemwo, aho azoba ariko arakurikirana uko imanza zicibwa (Suras al-Fatiha 1:2-4; al-Haqqa 69:17). Ibitabo bizozingururwa, aho ibikorwa vy’umuntu wese vyagiye vyandikwa. Hazoba hari iminzane yo gupima, umwe umwe wese hakurikijwe ivyiza n’ibibi yakoze (Suras al-A’raf 7:8 9; al-Mu’minun 23:102-103; al-Schura 42:17). Uwakoze neza azoja mu kuboko kw’i buryo, uwakoze nabi nawe aje mu kuboko kw’i bumoso. Uko bazogenda bajabuka ikiraro kiri hejuru y’inyanja y’umuriro utazima, abaciriwe urubakwiriye bazokorokera muri uwo muriro, nah’abahezagiwe bijabukire ata nkomanzi muri Paradizo.

Kugereranya kwose ivy’ibihe vy’iherezo muri Korowani n’amasezerano y’Umwami Yesu canke ababihishuriwe muri Bibiliya birahushanye rwose:

Muri Islamu, umucamanza si Yesu Umukiza ariko ni Allah afise ububasha bwo kuzimiza uwo ashatse no kurongora neza uwo ashatse.

Aba Islamu ntibatahura neza icaha ico ari co. Ntibarakamenya ko bononekaye bakazimira nk’abandi bose. Bizigira ko ukwizera kwabo n’ibikorwa vyabo vyiza bihagije kugira ngo bazotsindanishirizwe imbere y’intebe y’Urubanza.

Bazi neza ko badakeneye gutangirwa ikimazi c’impongano y’ivyaha vyabo canke Umuhuza. Bahakanye Uwabambwe (Sura al-Nisa’ 4: 157). Banka urunuka Umwana w’Imana ku buryo banamurogotako (Sura Al ‘Imran 3:61; al-Tauba 9:29). Barwanya rwose Umukiza wabo n’Umucamanza w’izibereye.

Muri Islamu, nta guhinduka kw’ivya kera vyose ngo bibe bisha mu mpwemu bibaho (Ivyahishuriwe Yoh 21:5). Ahubwo, aba Islamu bizera ivy’uko hazoba iremwa rya kabiri ku buryo vyose bizoba bisa n’ivya mbere. Umunezero no kubabazwa bizokwongerekana haba muri Paradizo, haba mu muriro. Kubera ko Mpwemu Yera atabaho muri Islamu, nta kugirwa basha kubaho no muri Paradizo.

Nk’uko bivugwa na Muhamedi, mirongwicenda kw’ijana y’abantu bose muri Paradizo bazoba ari abagabo, mirongwicenda kw’ijana y’abazoba bari mu muriro bazoba ari abagore, kuko bamye ari abo kugamburikira abagabo babo. Ni yo mpamvu Allah yaremeye umu Islamu wese w’umugabo incoreke mw’ijuru zizobakorera muri Paradizo (barenga mirongo indwi kuri buri mugabo w’umu Islamu) kandi bagahabwa abagabo bafise ingufu nyinshi mu vyo kurangura amabanga y’abubatse (Suras Ya Sin 36:55-58; al-Saffat 37:49; al-Rahman 55:56,74; al-Waqi’a 56:35 37; al-Naba’ 78:33 a.o.). Aho rero ni ho bigaragarira ko inyigisho za Islamu nk’uko imirongo ya Korowani ibivuga ari ikinyoma gusa no kurogota. Na Yesu ivyo yarabivuze yishura Abasadukayo bari bamubajije batyo: “Mwarazimiye ko mutamenye ivyanditswe n’ubushobozi bw’Imana. Mw’izuka ntibazorongora kandi ntibazoshingirwa: bazoba nk’abamarayika bo mw’ijuru.” (Matayo 22:23-33; Mariko 12:18-27; Luka 20:27-38)

Allah ubwiwe ntazonaboneka muri Paradizo y’aba Islamu kuko yibera hejuru cane mw’ijuru ry’indwi. Aguma ari mukuru, ari kure cane, Imana idashobora gushikirwa, ategerana canke ngo asangira n’abiwe bamusenga; nta gucungurwa abaha canke ngo abeze. Hari bamwe mu ba Islamu basigura imirongo ya Korowani ku buryo bemera ko Allah ari muri Paradizo, ariko bene wabo bakabavuguruza ku kutabemera namba.

Nta mu Islamu agira icemezo c’agakiza namba mw’idini ryiwe. Ivyizigiro vyiwe ni uko Allah ku musi w’amateka azomubabarira ivyaha yakoze nk’uko ari Umunyempuhwe, Umunyembabazi nk’uko Korowani ibibigisha. Namba azobishaka kumubabarira, namba azotanga imbabazi burundu canke agace k’imbabazi, nta wubizi. Nk’uko Yesu yabwiye ca kimuga ati : “Humura mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe” (Matayo 9 :2 ; Luka 7 :48) ivyo ntibishoboka muri Islamu, kuk’urubanza ruzocibwa kandi rusomwe na Allah ubwiwe ku musi w’amateka.

Kubera ko aba Islamu batemera Umwana w’Imana na Mpwemu Yera, ntibanashobora kwemera Allah nka Se wabo. Ikigeretseko, bemanze kuba intagondwa mu kutemera kwuzura n’Imana mu kwakira Kristo Yesu no kwongera guhindurwa basha mu Mpwemu. Bemeye kuzogwa mu nzira bibesha ngo bari mu nzira ija muri Paradizo.

Mw’ihishurwa rya Yesu twumvamwo ijwi ry’itsinzi y’abishwe bahorwa izina ryiwe muri ya misi y’uguhamwa guhambaye rivuye mw’ijuru :

Agakiza nak’Imana yacu ivyagiye kur’irya ntebe,
n’ak’Umwagazi w’intama!

(Ivyahishuriwe 7:10; cf. 11:15; 12:10)

Ivyabona vyemeye guheba ubuzima bwavyo kubw’Umwami Yesu bazomenya uwo bizeye uwo ari we. Barizera badakekeranya kw’agakiza kabo kuzuye kazoshika kandi kw’ivyasezeranywe vyose bizoshika. Ikimazi ca Kristo caratanzwe rimwe gusa kuri bose kugira ngo gikure ivyaha vy’abari mw’isi bose. Aho azogarukira, ntazoba akizanywe n’ivy’icaha, ariko azoba azanywe no gukiza abamurindiranye igishika co kumubona mu kumukorera (Abaheburayo 9:28).

Petero abivugako atya:

Mwebwe abazigamwa n’ubuntu bw’Imana kubw’ukwizera, muzigamirwa agakiza kateguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo. (1 Petero 1:5)

N’aho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubwiza katovugwa, mugahabwa ikizanwa n’ukwizera kwanyu, ni co gakiza k’ubugingo bwanyu. (1 Peter 1:8-9)

Kandi Imana Nyen’amahoro ibe ari yo ibeza rwose, kandi impwemu yanyu n’ubugingo, n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, aho Umwami wacu azozira. Ibahamagara n’iyo kwizigirwa; no kubikora izobikora (1 Tesalonike 5:23-24).

5.26 -- UTUBAZO

Mwene data Musomyi,
Nimba wize aka gatabu neza cane, ushobora kwishura vyoroshe ibi bibazo bikurikira. Uwo wese yokwishura ku bice 90% ibibazo vyose biri muri utu dutabu indwi uko biri neza, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo ruvuye mu kigo cacu ku bijanye

N’inyigisho zo ku rwego rwo hejuru
mu gutahura imizi ya Shari’a muri Korowani

nko gutera intege uwo wese azobandanya akora igikorwa ca Kristo. Vyoba vyiza cane hamwe munyishu zawe woza urashiramwo imirongo yo muri Korowani.

  1. Mw’Isezerano Risha dusoma ko Imana ishaka ko bose bakizwa. Mbega uwo murongo ushiramwo n’aba Islamu bose?
  2. Muri Korowani, Allah avuga ko, “Iyo tubishaka, imitima yacu yogenze nk’uko vyari bikwiye. Ariko ijambo rikwiye gushika: Nzokwuzuza mu muriro utazima impwemu z’ama jinn n’abantu.” Allah ngaha ashaka kuvuga iki kuba adashaka gukiza abantu biwe bose?
  3. Abakristo bizera ko Kristo yapfuye mu gishingo cacu, akikorera ivyaha vyacu. Mbega yoba yaranikoreye n’ivy’aba Islamu nabo? Cank’akwiye kwongera kubapfira nabo ubwa kabiri?
  4. Muri Korowani handitse hatya, “Ibikorwa vyiza vyirukana canke bigasubirira ibibi.” (Sura 11:114) Ivyo bisobanura iki?
  5. Kuki umu Islamu arwanira Allah akoresheje ikirwanishwa c’umubiri yizera kw’ivyaha vyiwe bizobabarirwa?
  6. Martin Luther yasobanuye gute ibanga ry’agakiza mu nyigisho ziwe?
  7. Ni igiki gitangaje kuba Muhamedi yiyita imburi ariko ntiyite umukiza ukurikije ivy’umusi w’amateka?
  8. Kubera iki aba Islamu bavuga ko Shari’a ari yo nzira ifunganye izobajana bose muri Paradizo?
  9. Kubera iki Ivyagezwe vya Islamu nk’uko bavyizera, ari vyo bizobabera umucamanza kandi bikabatsindisha?
  10. Kubera iki ugusukwako Mpwemu Yera ari icamwa cank’ingaruka y’urupfu rwa Kristo ku musaraba?
  11. Muri Islamu, kuki bidashoboka kumenya canke kwakira Mpwemu Yera, kandi vyongeye, kuki ata vyizigiro namba vy’ubugingo budashia bibaho?
  12. Korowani ivuga ko ari inzamba zingahe zizovuga zibura ivy’umusi w’imperuka?
  13. Hazoba iki inzamba ya kabiri ni yavuga nk’uko Korowani ibivuga?
  14. Urubaza rwo ku musi w’imperuka ruzomara igihe kingana gute nk’uko Islamu ibivuga?
  15. Umunzane munini uzoba ari uw’iki nk’uko Islamu ibivuga ku musi w’amateka?
  16. Kubera iki aba Islamu bizera ko 90 kw’ijana vy’abantu muri Paradizo yabo bazoba ari abagabo naho 90 kw’ijana bo mu muriro utazima bazoba ari abagore?
  17. Kuki umu Islamu wese arindiriye ko Allah azomuha abagore barenga 70 muri Paradizo?
  18. Yesu yavuze ngw’iki kuri ibi vyizigiro bidafashe vya kazoza ka Islamu?
  19. Kubera iki Abakristo batogira ubwoba bw’umusi w’imperuka?
  20. Ni ku ruhe rwego Abakristo bashingira intahe ubugingo budashira muri bo?

Mukwishura ibi bibazo Umuntu wese ararekuriwe gukoresha ibindi bitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu mu nyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagukomeza, akagutuma, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwose !

Abo musangiye umurimo,
Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:
info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on October 10, 2022, at 03:41 PM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)