Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":
Home -- Kirundi -- 01. Conversation -- 3 Bible not Corrupted
This page in: -- Arabic? -- Cebuano -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Hausa -- Igbo -- Indonesian -- KIRUNDI -- Russian -- Somali -- Telugu -- Ukrainian -- Uzbek -- Yoruba

Previous booklet -- Next booklet

01. Ikiganiro n’aba Islamu kuvya Kristo

3 - UKO TWOSIGURA KO BIBILIYA ITASIBANGANIJWE

Inyigisho zizibira Umu Islamu kuba umukristo ni icagirizi ko Bibiliya yoba yarasibanganijwe. Mbega vyukuri nivyo Korowani yigisha kandi ni gute wofasha umu Islamu kugira yizigire Bibiliya? Ibi bibazo bihagaze kw’ Isezerano rya Kera, Isezerano Rishasha, ubumenyi rusangi, korowani n’intahe yawe ubwawe.



Ikiganiro n’aba Islamu kuvya Kristo

3.01 -- UKO TWOSIGURA KO BIBILIYA ITASIBANGANIJWE

3.02 -- Intangamarara

Aba Islamu benshi ni abanyamakenga kandi bavuga ko Bibiliya yahinduwe ikanasibanganywa. Abandi babona ko Abakristo bitunganije neza, bakora kandi ko amategeko abagenga mu kibano atunganye. Ariko kandi bababonamwo abubaha Imana nk’abariko bararota kuko abo bakristo bafata Torati, Zaburi n’Ubutumwa bwiza nk’ibitabu nyavyo. Ko bishobora kuba vyarimwo ukuri muri kahise, ariko ubu bikaba bitakigezweho. Kubwabo, Abakristo bose baguye mumporero z’ikinyoma, bizera imigani n’ibitito.

Mbega iciyumviro c’aba Islamu co guhakana ibitabu 66 vyo muri Bibiliya cazananye hehe ? Mbega ni ibihe bintu bashira imbere mu kwemeza ihindurwa rya Bibiliya.

3.03 -- Ivyo Korowani irega Torati

Inyishu ishobora kuboneka mu mirongo 10 iri muri Korowani. Igize ishimikiro kuvyo aba Islamu barega Bibiliya. Umutama w’Umuyuda i Medina yagirijwe ko yasambanye. Maze Abayuda ntibashima guhishuka aba Islamu ngo babereke imirongo ivuga igihano gihabwa uwasambanye muri Torati bashaka gukiza uwo mutama ntategwe amabuye. Hanyuma, Muhamedi yerekanye mu mirongo myinshi muri Korowani ukuntu Allah atihanganiye abo bayuda bateretse ayo mabanga n’amategeko yari muri Torati aba Islamu:

Ntimuzagurane imirongo y’ibyanditswe byanjye igiciro gito. (Surat 2:41)

Ntimuzavange ukuri n’ikinyoma, mugahisha ukuri kandi mubizi. (Surat 2:42)

Kandi agatsiko muri bo karumvaga imirongo y’ibyahishuwe bya Allah kakabigoreka nyuma y’uko kabisobanukiwe, kandi (kakabikora) kabizi? (Surat 2:75)

Kandi bazabona ishyano abiyandikira igitabu n’intoke zabo, nyuma bakavuga bati: Iki giturutse kwa Allah, kugira ngo bakigurane igiciro gito. (Surat 2:79)

Mu by’ukuri hari agatsiko muri bo gahisha ukuri kandi kakuzi. (Surat 2:146)

Yemwe Ahl AL-Kitab (Abayahudi n’Abakristo) mwe! Kuki muvuga ukuri n’ikinyoma, mugahisha ukuri kandi mukuzi? (Surat 3:71)

Mu by’ukuri muri bo harimo bamwe bagoreka ibiri mu gitabo iyo barimo kubisoma, kugira ngo mukeke ko ibyo biri mu gitabo kandi biba bitarimo. (Surat 3:78)

Mu Bayahudi harimo abagoreka amagambo, bakayakura mu mwanya wayo bayaha ibindi bisobanuro bitari ibyayo. (Surat 4:46)

No kubw’imyifatire yabo mibi irimo kwica amasezerano kwabo, twarabavumye dutera imitima yabo kwinangira. Bahindahindura amagambo ya Allah ari mu mirongo y’ibyahishuwe bya Allah biri muri Torati no mu Ivanjili bayaha ibisobanuro bitari ibyayo. Baretse igice kinini cy’ibyo bibukirijwe. (Surat 5:13)

No mubavuze bati: Mu by’ukuri twe turi Abakristo, twagiranye nabo isezerano, ariko nabo baretse igice kinini c’ibyo bari baribukijwe. (Surat 5:14)

Uravye neza ivyo bice 10 vy’iyo mirongo ya Korowani mu rurimi rw’icarabu, ushobora gusangamwo ukuri kwo muri kahise incuro umunani:

  • Si Abayuda “bose” ariko ni umugwi muto wo muri bo, wagerageje kuzimiza Muhamedi (Sura al-Baqara 2:75, 146; Al’ Imran 3:78).
  • Bari abantu barongorwa neza (Sura al-Nisa 4:46), ariko bakanyegeza amwe mu majambo yo mumategeko yabo mu kunyegeza ubutungane (Surat al-Baqara 2:42; al’Imran 3:71).
  • Ntibigeze basigurira Muhamedi neza ivyanditswe vyose vya Bibiliya canke ngo bamubwire ibivugwa vyose mu gitabu cabo, kiretse gukorana urudandaza nabo (Sura al-Baqara 2:41, 79).
  • Bamunyegeje amwe mu mategeko cane cane ayo babona ko yobagirira nabi harimwo Muhamedi n’aba Islamu biwe (Sura al-Baqara 2:42, 146; Al’Imran 3:71)
  • Bahinduye indome zivuga n’utwatuzo muyandi majambo bica bituma insiguro ihinduka (Surat al-Baqara 2:75; al-Nisa 4:46; al-Ma’ida 5:13)
  • Bagoreka indimi zabo iyo bariko baravuga amajambo amw’amwe yo muri Torati kugira ntihagira uwutahura neza ico bariko baravuga (Surat al’Imran 3:78).
  • Banditse igitabu cabo ceranda bakoresheje amaboko yabo maze bakagifata nkaho caturutse ku Mana (Surat al-Baqara 2:79).
  • Bibagiye imirongo yo mu vyahishuwe vyo mu vyanditswe vyabo bari bakwiye kuzigama kumutwe (Sura al-Ma’ida 5:13), gutyo Muhamedi aca yagiriza abakristo ko atabwizigirwa bafise kw’ijambo ry’Imana n’ivyo yahishuye (Surat al-Ma’ida 5:13).

Urabiye kuri ivyo birego vya Korowani, ushobora gusanga bake mu bayuda aribo gusa bari bafitanye ingorane na Muhamedi. Iki kirego ntikiraba abayuda benshi. Ntibahinduye Bibiliya yabo canke ngo bakureho igitabu cabo ceranda. Gushika ubu, abayuda aho bari hose barafise imizingo ya Torati uko yamye kuva ubwabere.

Nta hantu na hamwe muri Korowani handitse ko umuzingo wose wa Torati woba warahinduwe kuva mu ntango gushika kumpera. Muhamedi yavuze ko amajambo amw’amwe ariyo yahinduwe, avugwa nabi canke agakoreshwa n’indome zivuga zitari zimwe. Ubwizigirwa bwa Torati ntana hamwe buteza ingorane muri Korowani.

Naho biri uko abakristo n’abayuda ntibashoboye gusubiramwo inkuru zo muri Bibiliya ku mutima, yamara bavuga ivyiyumviro vyabo, ivyo baciyemwo canke insobanuro z’ibisomwa vya Bibiliya. Kuba Islamu kwiga ijambo ryahishuwe ku mutima ni ikimenyetso c’urukundo uwizera afise ku Mana n’ivyo yahishuye. Babuze urukundo nk’urwo ku bayuda n’abakristo.

Muhamedi yashaka kwumva isubirwamwo ry’ivyahishuwe kumutwe, ntiyari akeneye kwiga uko abantu bavyiyumvirako.

Iri shikwako ry’iyi mirongo iri hejuru yo muri Korowani ryerekana ko aba Islamu bikeka ko Torati yoba yarahindutse atashingiro bifise. Vyongeye kandi, nta hantu na hamwe Korowani yerekana ko Ubutumwa Bwiza bwahinduwe canke ngo busibanganywe kuko Muhamedi yari azi abakristo, akamenya ubwizigirwa kwabo n’ugukunda ukuri.

3.04 -- Aba Islamu barondera izina rya Muhamedi muri Bibiliya

Abayuda n’abakristo b’abarabu benshi bamaze kwemera Islamu, iciyumviro caje muri bo ko Muhamedi yiyita ko ariwe wanyuma mu bavugishwa bose ko ashobora kuba yari yaravuzwe mu majambo yo muri Bibiliya. Muhamedi avuga ko “Isa” yavuze muri Korowani ko intumwa izitwa Ahmad izoza inyuma yiwe (Sura al-Saff 61:6).

Kuva ubwo, aba Islamu bakeka ko Abayuda n’abakristo bafuse izina rya Muhamedi canke icitiranwa caryo mu bitabu vyabo vyeranda.

Baciye batangura isuzumwa ry’ubuvugishwa bwose bwo muri Bibiliya kugira barabe ko hoba harimwo ukuza kwa Muhamedi. Imyikeko idaharuka y’inyandiko nyinshi z’ukwizera kw’aba Islamu bivuga ko Muhamedi ategerezwa kuba yaranditswe muri Bibiliya. Bisunga cane igice co Gusubira mu vyagezwe 18:15, 18. Aho Mose avuga ati: Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza uvugishwa nawe ameze nkanje, ava muri mwebwe, mub’iwanyu: az’abe ariwe mwumvira! Aba Islamu bavuga bemanga ko: “Uyu muvugishwa yasezeranywe ategerezwa kuba ari Muhamedi.” Yamara ntibamenye ko uyu muvugishwa ategerezwa kuva mu bwoko bwa Israyeli. Uwo wese yobabaza ko bemera kuvuga ko Muhamedi yari umw’Israyeli canke umuyuda azokwishurwa ati: “Oya!”

Mu Butumwa Bwiza naho basubiramwo bisunze isezerano ritangaje rya Yesu: “ariko Umwitsa niyaza, ariwe Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, niwe azobigisha vyose, kandi azobibutsa ivyo nababariye vyose (Yoh 14: 16, 17, 26).” Abashakashatsi b’aba Islamu biyumvira ko uwo Mwitsa yasezeranywe yari Muhamedi! Bihweje ijambo ry’ikigiriki parakletos risigura “Umwitsa” basubiriza indome zivuga zaryo, barihindura muri Perikletos, bisigura “Uwashizwe hejuru” (Muhamedi). Bagirije abakristo ko bahinduye izina rya Muhamedi muri parakletos, dushobora kubereka ko aribo bahinduye indome zivuga zaryo! Ikindi kandi iyo ubajije abarondera uwo yasezeranywe ko bemera yuko Muhamedi yarungitswe na “Kristo” nk’umukozi wiwe, ntibavyemera. (Muri Yoh 17:7 handitseko Yesu yarungitse Umwitsa). Ico kibazo rero gisubiza hasi ivyo Aba Islamu bavuga.

3.05 -- Ingingo inyuranya na Bibiliya

Igihe abahinga muvy’inyigisho za Islamu n’abagize ico bavuga kuri Korowani bagereranya Bibiliya na Korowani inyuma y’ibinjana Muhamedi amaze gupfa, basanze atakajambo nakamwe muburyo canke munyandiko ivyo bitabo bibiri bihuriyeko. Amakenga adasanzwe yazananywe n’ivyo babonye, yarahakanwe n’abasangwa ariko birangira abaye ngenderwako nk’amategeko. Bemejeko itandukaniro ryose hagati ya Bibiliya na Korowani ritegerezwa gushimikira kw’ihindurwa rya Bibiliya. Kubwivyo Korowani ica ifatwa nk’icitegererezo conyene gusa co gupima no gucira urubanza Bibiliya. Aba Islamu bizerako ivyo bitabo vyose bikomoka mugitabo cambere kiri mw’ijuru kandi bikaba vyatanzwe biciye mw’ihumekwa ry’amajambo. Itandukanira ridashobora guhura muri ivyo bitabo bitatu, naho biruko ryerekana iciyumviro c’isibanganywa rya Torati n’Ubutumwa Bwiza. Dukwiye kumenyako kubera iyi ndunduro, Islamu yiyerekana ubwayo nk’impwemu ruzira Bibiliya mugukoresha aba Islamu benshi nk’abari mubuja.

3.06 -- Ibitero vy’ishano ry’umushingantahe Deedat

Ikirego ca kane ca Islamu kigwanya Bibiliya kiva mu mugwi wegereye umushingantahe Deedat, umu Islamu w’umuhindi yaba muri Afirika y’epfo. Yegeranije ivyiyumviro vyinshi bitari ivyo muri Korowani abikuye mubahakanyi b’i Burayi, Abakoministe, Abamateriyariste n’abize inyigisho menyeshamana bigenga aho bisa n’ivyerekana amakosha ya Bibiliya. Ukwo guhakana Bibiliya kunyuranye n’ivyo Korowani yemera. N’ubwo ivyemezo vyiwe bitagira ishingiro, yahawe amafaranga n’ama Reta menshi ki Islamu afise ibitoro kuko yashoboye kunyiganyiza ivyizigiro vy’abakristo n’aba Islamu kw’isi yose muri Bibiliya.

Mubindi birego umushingantahe Deedat yavuze nuko Kristo atavuze ukuri hamwe yavuga: nkuko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu munda y’urufi, niko n’umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu. (Mat 12:40, Mark 8:11-12; Luk 11:29-32). Ababaye cane umushingantahe Deedat yerekanyeko Kristo yashizwe mumva gusa kuva kuwagatanu inyuma y’umutaga imbere y’uko izuba rirenga gushika kuwamungu mugatondo imbere y’uko izuba riseruka. Yakwiragije ko Yesu yamaze gusa umusi n’igice n’amajoro abiri mumva atari imisi itatu n’amajoro atatu vyuzuye! Kubwo ivyo aca ashika kundunduro ko atari umuvugishwa w’ukwizigira!

Abakristo benshi ntibazi uko bokwishura ibi vyiyumviro vy’umushingantahe Deedat, ahubwo bagenda bajumarariwe bicurikiriye. Ariko murico gihe dushobora kwishura ko hisunzwe imico n’imigenzo y’abayuda, ikintu cose caba kumwanya uwo ariwo wose w’umusi cafatwa nk’icabaye kumusi wose. Ko Yesu yahambwe kumusi wagatanu, uwo musi wose wari umusi w’urupfu rwiwe cokimwe n’izuka ryiwe ryabaye kumu wambere w’imisi indwi.

Akoresheje iyo mitego, umushingantahe Deedat yagerageje kuzana ibibazo kuvyerekeye umusalaba, izuka n’Ubutumwa Bwiza Bwiwe. Yegeranije ivyemezo vyinshi binegura inyandiko za Bibiliya vyanditswe n’abize inyigisho menyeshamana bigenga, yishimikije ivyo vyemezo yagerageje kwerekana ko atanabahinga b’abakristo bizera ukudahindurwa kwa Bibiliya. Ibi bitero vy’ishano vy’uyu mwansi wa Kristo yarakwiragijwe iranatangwa ku mamamiriyoni y’abantu muri Afirika, Aziya n’iyindi migabane. Vyagize akamaro kubanyeshure biwe mw’ikorereshwa ry’inguvu zabo zose kugera kurunganwe rwa kabiri mundimi nyinshi.

3.07 -- Inyiganyizwa ry’ukwizigira ukuri kwa Bibiliya

Ntidukwiye gutangazwa no kubona ko atari abakristo gusa ariko kandi n’aba Islamu banyiganyijwe mu kwizigira Bibiliya. Umuntu wese agerageza gusigurira aba Islamu agakiza ka Kristo ategerezwa gushiraho inzira y’ukwizigira Bibiliya muribo, bitabaye uko inguvu ziwe zose zoba ar’izubusa. Iyindirimbo y’ umunyacubahiro Nikolaus Ludwig, w’i Zinzendorf (1700-1760) ni iyukuri kandi mugikorwa c’abajanabutumwa kuba Islamu:

Mwami, zigama ijambo ryawe,
Ingabire nziza, ni inzahabu yanje;
Kuko ndaryipfuza muvyo ntunze vyose
No mubutunzi bwanje bw’umusesekara.
Hamwe ijambo ryawe ritoba rigifise akamaro,
Mbega ishimikiro ry’ukwizera ryoba ririhe?
Sinshaka gukorera mw’isi ibihumbi
Ariko mw’iyi si!

(Indirimbo y’umukristo w’umudagi, EKG 436)

Igihe wogerageza gusigurira umu Islamu ukuri kwa Bibiliya, uzoronka ibintu bitanu birimwo ivyiyumviro uzogenderako.

  1. Intahe yo mw’Isezerano rya Kera kukuri kw’ihishurwa ry’ijambo ry’Imana;
  2. Ivyemezo vya Yesu Kristo kubijanye n’ukuri kw’Isezerano rya Kera n’Isezerano Rishasha;
  3. Ibiva mubantu b’isi bishobora kwemeza ukuri kwa Bibiliya;
  4. Imirongo yo muri Kororwani yemeza ukudahinduka kwa Torati n’Ubutumwa Bwiza;
  5. Ivyo twabayemwo bizana ubushobozi buva mw’ijambo ry’Imana.

3.07.1 -- Ibishingantahe vyo mw’Isezerano rya Kera kubijanye n’ukuri kwa Torati n’abavugishwa

Uwo wese ashaka gusigurira umu Islamu ko Imana izorinda ijambo ryayo, akwiye kwibuka iyi mirongo ikurikira ngo ayisangire n’umu Islamu mugenzi we:

● Yer 1:11-12: “Ijambo ry’Uhoraho rinzako, rirambaza, riti ubonye iki ga Yeremiye? Ndavuga, nti mbona ishami ry’umurinzi. Maze uhoraho aranyishura, witegereje neza: kuko ndunda ijambo ryanje kugira ndarishitse”
Uyu muvugishwa yahawe isezerano, yemezwa ko ijambo ry’Imana ari iry’ukuri kandi rizamaho kuko Uhoraho ubwiwe ariwe aririnda. Uhoraho ntahunyiza ntasinzira ariko arinda abantu biwe kandi ntiyivuguruza mw’ijambo ryiwe. Intumbero y’ijambo ry’Imana si ijambo ryonyene ubwaryo ariko kandi n’igikorwa caryo n’icavuyemwo. Uhoraho arinda ijambo ryiwe kugira rishike. Ntawoshobora kubuza Uhoraho yenubushobozi ngo ntakore ivyo yavuze.

● Gus.4:2 Dusoma amajambo ya Mose: Ntumuze mwungurire kuvyagezwe mbagera canke ngo mugabanye, kugirango mubone kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho mbagera.

Ninde yogerageza haba kubushake canke kwihenda agahindura amategeko canke amasezerano y’Imana mukongerako ivyiyumviro vyiwe canke gukuraho ivyabujijwe adakunda? Uhoraho ubwiwe yategetse abicishije muri Mose ko azorinda ijambo ryiwe ryoye guhindurwa, ko ryozigamwa kumutima kandi rikagenderwako mubuzima bwa buri musi. Bibiliya ubwayo ivuga ukuri kwayo. Muri Islamu ijambo ry’umuvugishwa ni iryavuzwe na Allah. Ntatandukaniro ryabo babiri. Intumwa ya Allah ifise ububasha buhambaye. Aba Islamu kenshi bibazako Torati ari Isezerano rya Kera ryose.

● Imig 30:5-6: ‘Ijambo ryose ry’Imana riravugutiwe: niyo nkinzo y’abayizigira. Ntukungurire kumajambo yayo, kugirango ntize iguhane ugahinyuka ko uri umubeshi.’

Nkuko bavugutira inzahabu mumuriro niko ijambo ry’Imana rivugutirwa biciye mu kwera kwayo. Kubwivyo riravugutiwe, riratunganye kandi rihoraho. Uhoraho aduha “ibigwanishwa vyose vyiwe” (Abanyefes 6:10-20) biciye mw’ijambo ryiwe. Uwudashinze imizi mw’ijambo ry’Uhoraho ntabushobozi nabumwe afise mu buryo bw’impwemu. Uwishimiye ivy’ubwenge bwiwe, uko abantu biyumvira kandi bakora, ivyigwa kama canke ibindi vyitwa ukuri bivuye muyandi madini no mumigenzo bimeze nk’ihishurwa azogaragara nk’umubeshi kandi Imana izomuhana. “kuko ubupfu bw’Imana burusha abantu ubwenge; kandi n’intege nke z’Imana zirusha abantu inkomezi” (1Kor 1:18-29)

● Zab 33: 4 Kuko ijambo ry’Uhoraho ritunganye, igikorwa ciwe cose agikorana ukuri.
Ivyanditswe vyo muri Bibiliya bigizwe n’ukuri nyakwo, naho aba Islamu canke abakristo bigenga babihakana. Ukuri kw’ijambo ry’Imana kubonekera muvyo ikora. Ijambo ryayo si ukuri gusa ariko nukuzoshitsa ico Ivuga. Ishitswa ry’amasezerano 333 yo mw’Isezerano rya Kera mw’Isezerano Rishasha, yerekana ukuri kw’Isezerano rya Kera mu buryo budasanzwe. Kw’isi yose ntagitabo nakimwe gisigura ukuri kwaco nka Bibiliya. Uhoraho ashitsa ico yavuze! Korowani yigisha ivyategekanirijwe ibintu vyose. Ishitswa ry’amasezerano yo mw’Isezerano rya Kera mw’Isezerano rishasha ni icabona kuba Islamu benshi gifatiye kukuntu batahura ivyashinzwe.

● Zab119:89 Ijambo ryawe ryama rihamye mw’ijuru gushitsa ibihe bidashira, Uhoraho (Yes 40:8; 1Pet1:25)

Ukutagira iherezo kw’ijambo “rihoraho” kwerekana ingaruka n’urukwegakwegane vy’iri sezerano. Twese tubaho igihe gito. Ariko ijambo ry’Uhoraho ryamaho ibihe bidashira kandi ntirinyiganyizwa naho vyoba ibikomeye kurusha amabuye yo kw’isumo ry’i Rhine hafi y’iShafehoseni, mubusuwisi, yama asuma ijoro n’umurango. Kubw’Ijambo ry’Uhoraho ibihe bidashira biratwegereje. Iri jambo ry’Uhoraho ni isezerano ntahinduka kumigabane yose n’amamiriyaridi y’ivyo mukirere. Amategeko, amasezerano n’intahe ashingirwa n’ivyo abamwizera bacamwo bishimangira ubwizigirwa bwiwe. Abayuda n’aba Islamu bamwe bamwe biyumvirako igitabo cambere c’Imana n’ivyagihishuwemwo biri mw’ijuru. Ntawushobora kukinyiganyiza canke ngo ahindure amajambo yambere y’Inyabushobozi.

● Zab 19:7-9 Irimwo intahe za Dawudi uko yamenye ukuri ko ijambo ry’Imana ridahinduka mubuzima bwiwe:

Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye rwose,
bihembura ubugingo,
ivyo Uhoraho yashingiye intahe ni ivyo kwizerwa,
biha umutungu ubwenge.

Uworimbura kuri ayo majambo ane: gutungana, kwizerwa, kugororoka, n’ubwiza bimufasha kwizigira ukuri kwa Bibiliya kandi ashobora kubisangiza n’aba Islamu.

● Yes 55:10-11 hatera intege abakozi b’Imana bose babwira Ubutumwa Bwiza Abayuda, Abahindu, aba Buda, Aba Islamu, Abigenga n’Abafanatike: nkuko imvura na sheregi bivuye mw’ijuru, ntibisubireyo ariko bigatosa isi, bigatuma imeza ikera, igaha umubivyi imbuto n’uwurya ikamuha ivyo kurya; uko nikwo ijambo ryanje riva mukanwa kanje rizomera: ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye.

Ivyahishuwe vy’Uhoraho muri Bibiliya si ukuri gusa ariko kandi ni ivy’ububasha n’ubushobozi. Rizoshitsa ivyo Uhoraho agomba. Aba Islamu ntibiyumvirako ihishurwa ry’ijambo rishobora kugira ubushobozi nk’ubwo. Mw’ijambo ryo muri Bibiliya harimwo irema, ugukiza, kubabarirwa, guhumuriza no kwongerwa inkomezi. Abayuda benshi babibayemwo kandi bubaha imizingo ya Torati yabo n’icubahiro gikwiye. Abatari bake muribo barishwe bahorwa ukwizera ukuri n’inkomezi z’ibitabu vyo mw’Isezerano rya Kera.

3.07.2 -- Imirongo yemeza ukuri kw’ivyahishuwe mw’Isezerano Rishasha

● Mat 5:17-18 hatanga uburongozi ntabanduka bw’igishingantahe ca Yesu Kristo asigura ikibanza ciwe urabiye muvyahishuwe vyo mw’Isezerano rya Kera: Ntimugire ngo naje gusenyura ivyagezwe canke amajambo y’abavugishwa n’Imana. Sinaje kubisenyura, naje kubishitsa. Ndababwire ukuri, gushitsa aho ijuru n’isi bizoviraho, ntakanyuguti nakmwe canke nakazatsa bizova kuvyagezwe, gushitsaho vyose bizoheraherezwa.

Ufatiye kuri shimikiro, Umwana w’Imana yemeza ukuri kw’Isezerano rya Kera. Yesu ntiyemeye gusubiriza ivyahishuye vya kera ngo abisubirize bishasha canke vyiza kurusha nkuko biri muri muri Korowani irimwo imirongo 240 yasubirijwe kandi ikaba atakamaro ikimaze.

Naho biruko, Yesu Kristo avuga ivyo gushitsa ivyagezwe n’amajambo y’abavugishwa biciye munyigisho ziwe, ubuzima bwiwe, urupfu rwiwe, izuka ryiwe, itangwa rya Mpwemu Yera no kugaruka kwiwe. Umwami Yesu yarubaha, akabaho mukuvuga vyiyaguye ivyahishuwe vyo muri Bibiliya biri mw’Isezerano rya Kera.

Yesu yemeza ukuri kw’ibitabu vyose vyo mw’Isezerano rya Kera ko gushika kumuhero w’isi atanumu Islamu yoshobora gukurako n’urudome na ruto canke nakazatsa ariko ko rizoshitswa. Uku gutangaza ububasha kwa Yesu Kristo gukuraho ikirego ca Muhamedi n’abamukurikira.

● Mat 24:35 hatanga irindi jambo rya Yesu Kristo aho yemeza ukuri n’uguhoraho kw’Ubutumwa bwiwe n’ukwo ivyanditswe vyose vyo mw’Isezerano Rishasha: Ijuru n’isi bizorangira ariko amajambo yanje ntaco azoba..

Yesu si umuntu yitega ko ibintu bizoteba bigenda neza canke nabi ariko ni umunyakuri. Atwizeza ko imigambi y’abantu yose yoteza imbere isi canke kurinda ivyaremwe ariyubusa kuko amajuru n’iyi si yacu bizokurwaho. Ariko kuko Umwami wacu ari kandi n’ijambo ryiwe rikaba ryuzuye impwemu n’ubushobozi, ubutumwa bwiwe ntibuzorangira naho hogira agakurwako. Adutera intege zo kwizera no kwizigira avuga ati: Munezerwe nuko amazina yanyu yanditswe mw’ijuru! (Luk10:20). Abavyawe ubwakabiri n’ijambo bagahabwa Mpwemu wiwe Yera bahabwa ubugingo budashira.

● Luk 1:1-4 Hatwereka uko abavugabutumwa bakwiragije amajambo n’ibikorwa vya Yesu Kristo bari maso. Umugiriki w’umuganga Luka yerekana uko yanditse Ubutumwa bwiwe Bwiza: Abantu benshi bagerageje kwandika amajambo adondo ivyabaye muri twebwe, nkuko twabirazwe n’abahereye ubwambere ari ivyabona vyavyo n’abasuku b’ijambo ry’Imana. Nuko nanje, mpejeje gukurikiranya vyose neza mpere kuvyambere, nabonyeko arivyiza kubikwandikira uko bikurikira, wewe Teyofilo umwubahwa, kugirango umenye neza yuko amajambo wigishijwe ari ay’ukuri adakekeranywa.

Ubutumwa Bwiza ntibwakorotse buva mw’ijuru nk’igitabo cose nkuko aba Islamu bamwe bamwe biyumvira ko Korowani ariko yahishuwe. Umugiriki w’umuganga Luka, yari muri Kristo yabajije ivyabona vyinshi n’abantu bashizweho n’intumwa ngo begeranye bongere bandike amajambo ya Yesu. Bitwa abakozi b’ijambo.

Umuganga Luka yashatse kumenya uko inkumi Mariya yari kuronka umwana itagira umugabo! Gutyo amubaza amwubashe uko vyagenze. Vyoshoboka ko Mariya yamubwiye ukuntu malayika Gaburiyeli yiyeretse Zakariya akamubwira ivuka rya Yohana umubatizi (Luk1:5-24). Yamubariye ukuntu marayika yamwiyeretse iNazareti (Luk 1:25-56) akamubwira vyose kubijanye n’inkuru y’ivuka rya Kristo (Luk 2:1-21). Yamubwiye kandi ijanwa rya Yesu mu rusengero (Luk 2:22-40) amubwira kandi uko Yesu yagiye murusengero kumyaka 12 (Luk 2:41-52).

Uyu mugiriki w’umuganga yegeranije imigani myinshi ninkuru za Yesu ubundi Butumwa Bwiza butavuze: Umugani w’intama yazimiye (Luk 15:1-7), umugani w’umwana w’icangazi (Luk 15:11-32), umugani w’umusamariya w’imbabazi (Luk 10:25-37), umugani w’umutunzi n’umworo (Luk 16:19-31) n’inkuru y’abantu 10 bakize imibembe (Luk 17:11-19). Luka yumvirije umugani w’umufarisayo n’umutozakori (Luk 18:9-14) yandika uko Yesu yagiye kwa Zakayo (Luk 19:1-10) n’ukuntu Yesu yaririye Yerusalemu (Luk 19:41-44) yongeyemwo kandi inkuru ya Mariya na Marita (Luk 10:38-42) ashiramwo kandi n’amazina y’abigishwa b’abakenyezi bakurikira Yesu (Luk 8:1-3), bishoboka kandi ko yabigiyeko amajambo atatu adasanzwe Yesu yavugiye kumusalaba (Luk 23:34, 43, 46).

Luka yabajije vyagutse ibijanye n’uko Yesu amaze kuzuka yahuye n’abigishwa babiri mu nzira ija i Emausi (Luk 24:13-35), vyinshi muvyo Yesu yigishije abigishwa biwe amaze kuzuka ahereye mw’Isezerano rya Kera (Luk 24:44-49). Niwe wenyene yanditse iduzwa mw’ijuru rya Yesu (Luk 24:50-52; Ivyak. n’Int 1:1-14) n’ukuza kwa Mpwemu Yera (Ivyak. n’Int 2:1-47).

Iyo hataba Luka, ntitwari kumenya amajambo y’urufunguzo rw’Ubutumwa Bwiza. Yandikiye ibitabu vyiwe umuntu umwe, Tewofilo umutware w’Umuroma yahavuye aba umukristo muri Antiyokiya. Umwami yazutse, abicishije muri Mpwemu Yera, yarongoye Luka “Umunyamahanga” ngo yegeranye mu bwitonzi ivyo muri kahise maze ngo avyandike kurutonde abihagarariye. Ubutumwa bwiza bwiwe bwashigikiwe, bwandikwa bwongera bodomwako ikimenyetso na Mpwemu Yera. Yesu ubwiwe ntiyigeze yandika igitabu naho yari azi gusoma no kwandika igiheburayo. Ariko abamubonye batanze intahe zikomeye kandi z’ukwizigirwa mu kuvuga ivyo babonye kandi bumvise.

● Yohana 1:14 haduha imfashanyo yisa igihe tuganira n’aba Islamu: Kandi uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubwiza bwiwe, n’ubwiza bumeze nk’ubw’Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye Ubuntu n’ukuri.

Yohana yatahuye ko Yesu atigishije ijambo ry’Uhoraho gusa, ariko ko nawe ubwiwe yari Jambo! Ntatandukaniro ryariho hagati y’ijambo n’ibikorwa vyiwe. Gutyo, abaho atagira icaha. Ijambo ry’Uhoraho rirarema, rirakiza, riraharira, rirahumuriza kandi rigahindura abizira abantu bashasha. Muri Yesu, ubushobozi bw’Imana n’ubugombe Bwayo niho bubonekera. Ukwambara umubiri kw’ijambo ry’Umwami Yesu gushira hamwe amajambo yose y’Imana muri we. Amasezerano yose ni Ego na Amen muri We. Ntitwizera “idini” ariko twizera “Umuntu”! Ntitwizera ijambo ry’Umwami riri mu bitabu gusa, ariko imbere ya vyose twizera Yesu, umuntu. Adahinduka. Igitabu kirashobora gusibanganywa canke kwononwa. Yamara Yesu ahoraho ibihe vyose. Ni Jambo w’Uhoraho. Na Korowani ivyemeza incuro zitanu. Twari dukwiye kumenya ko uru ari urugi rwuguruwe kuba Islamu, tukarwinjiriramwo tukabigisha Yesu Jambo w’Umwami ryihinduye Umuntu.

● Yohana 16:13 harimwo ijambo ritangaje: Ariko uwo Mpwemu w’Ukuri niyaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kukw’atazovuga ivyo yigeneye, ariko ivyo azokwumva vyose nivyo azovuga, kandi azobamenyesha ibigira bize.

Uwahoze ari umu Islamu w’i Kashimir asomye iri jambo, yabajije atangaye, “Urafise Impwemu y’Ukuri?” yabandanije yiyumvira, aca avuga ati, “Iyo wakiriye Mpwemu w’Ukuri, ntushobora kubesha. Iyi bishitse naho, Mpwemu w’Ukuri aguhatira kwihana ubwo bubeshi. Uwo Mpwemu ntiyihanganira ubugunge.” Uwo mugabo w’i Kashimir ntiyarindiriye ngo aronke inyishu y’ikibazo ciwe, ariko yabandanije avuga, “Iyaba Mpwemu w’Ukuri aba mu bakristo, ntibari gusibanganya Bibiliya! Uwu Mpwemu w’Ukuri, ntiyari kubibemerera.”

Uyu niwo mutima w’ingorane! Aba Islamu bikeka ko abayuda n’abakristo basibanganije Bibiliya kubera ata Mpwemu y’Ukuri ibarimwo. Muri Islamu, ukubesha biremewe muri ibi bihe bine: Mu ntambara nyeranda, mu guhuza aba Islamu babiri, iyo umugabo avugana n’abakenyezi biwe no mu gihe umukenyezi avugana n’umugabo wiwe. N’indahiro yaje gihutihuti irashobora kurengwako (Sura al-Tahrim 66:1-2). Muri Islamu, Allah yiyita uwurusha ubuhemu bose (Sura Al’Imran 3:54; al-Nisa 4:132; al-Anfal 8:30). Ninde yotangara abonye aba Islamu bakeka abandi ko ari abahemu nk’impwemu yabo muri Korowani? Iyo ugomba gusigurira umu Islamu ukuri kwa Bibiliya, ukwiye gusaba ubwa mbere ngo impwemu y’ukuri ibatwikire nabo ndetse nawe ubwawe. Bitari uko ukuri, ubwizigirwa n’ukudahemuka bizokwama ari bishasha ibihe vyose.

● Yohana 17:17 Uhishura ibanga ry’isengesho rya Yesu umuherezi mukuru. Yerekanye mu buryo butomoye insiguro y’ukuri kwa Bibiliya mu ncamake: Ijambo ryawe ni ukuri! Iri ijambo rirengeye inyigisho z’ivyizerwa, ubutumwa n’intahe kuko Yesu yerekana ukuri kwuzuye kw’ijambo ry’Imana biciye mw’isengesho yariko arabwira Se wiwe wo mw’ijuru. Ibintu vyose abiga inyigisho menyeshamana bigenga, aba Islamu bagwanya abakristo n’abakominista bakunda ibintu bovuga bagwanya Bibiliya ntaco vyoshobora guhindura kuri uku kuri ko mw’ijuru. Ivyo bozana vyose nk’ibimenyetso vy’uko Bibiliya yahinduwe, igasibanganywa bihindurwa ubusa n’iyi ntahe y’Umwana kuri Se: Ijambo ryawe ni Ukuri!

Mu ndimi kama, ukuri bisigura “itegeko n’uburenganzira”! Kubw’ivyo, iri jambo risigura ko ijambo ry’Imana ryuzuyemwo amategeko yose, amabwirizwa n’ingingo ngenderwako mu guca urubanza nk’ubuntu, ugucungurwa n’incungu yitanze nk’ikimazi kubwacu. Uwo wese abaho anyuranya n’amategeko ya Bibiliya ni umugarariji. Ariko uwuzigama, akanizera ijambo rya Yesu azotsindanishirizwa kandi azokwama yiyubura mu nkomezi nsha. Ijambo ryiwe niryo buzima, inkomezi n’ivyizigiro vyacu. Umukozi wiwe wese afise ibanga ry’agaciro ritazwi n’abanyabwenge b’ivy’isi kandi rirengeye: Ukudahinduka kw’ukuri kw’ijambo ry’Uhoraho; Kristo we kuri kandi n’ijambo rya Se wiwe rimubonekamwo.

● Ivyah 22:18-19 hatanga imburi iberete kuba Islamu: Uwumva wese amajambo yavugishijwe yo muri iki gitabo ndabishingira intahe kuri we, nti ni hagira umuntu azokwungurira kuriyo, Imana izomwunguka ivyago vyanditse muri iki gitabo. Kandi ni hagira umuntu akura ku majambo y’igitabo c’ibi vyavugishijwe nayo, Imana izomukura ku mugabane wa ca giti c’ubugingo no kuwa wa murwa wera, vyanditswe mur’iki gitabo.

Aba Islamu benshi bashobora gutahura ico iyi mburi isigura: Wongeyeko ikintu na kimwe kw’ijambo ry’Imana, Nayo izokwongerereza igihano c’ivyago ibihe bidashira. Ukuyeko n’akajambo na gato kubiri mu majambo y’Imana, Nayo izokuraho imihezagiro yaguteguriye mw’ijuru. Ingaruka z’iki gihano c’ijuru ziratomoye neza: Ninde yoba igipfu gushika aho yohindura, agasibanganya ijambo ry’Imana kandi azi ko hazokurikira igihano c’ibihe bidashira. Ntivyoshika rero ko Umuyuda yubaha Imana yari guhindura Torati canke ngo umukristo w’ukuri ahindure, anasibanganye Ubutumwa Bwiza. Atizera canke atubaha Imana, ntaba akiri umuyuda w’ukuri canke umukristo w’umwizigirwa ariko aba ari umwana wa se w’ibinyoma (Yohana 8:37-45).

Mw’Isezerano rya Kera na Rishasha, ushobora gusangamwo imirongo myinshi yerekana ukuri kwa Bibiliya. Ntidukwiye gusoma Bibiliya n’amaso rukristo gusa, ariko tukiga uko dutahura iyo mirongo kugira tuyisangire n’aba Islamu. Bibiliya irivuga kandi ikisigura yo ubwayo. Dukwiye kwiga uko twumviriza ico ivuga kugira dushobore gusangira n’aba Islamu ukuri kwayo biciye mu rukundo.

3.07.3 -- Impari z’ivyiyumviro vy’abantu n’umuzingo w’i Qumran ku kuri kwa Bibiliya

Igitigiri kinini c’aba Islamu uyu musi bizera ivy’ubushakashatsi. Bariko bararenga igihe ca Korowani. Rimwe na rimwe ni vyiza ko muganira uvyiyumvirako unabatera intege kuguma biyumvira muri ubwo buryo. Ibibazo nka ‘kuki’ nivyo bifasha ngaha. Ikibazo cambere gishobora kuba:

Ninde yasibanganije Bibiliya? Abayuda canke abakristo? Benshi muri bo bishura: Abayuda! Dushobora kubishura: Wibaza ko abakristo bari guhora igihe abayuda bahinduye Torati n’ivy’abavugishwa? Ukuri n’uko ayo madini yose ariho kandi batoshobora kuvugana kugitabu na kimwe co mw’isezerano rya kera haba mukinyegero canke kumugaragaro. Igihe abakristo aribo bokwagirizwa kuba barahinduye Torati, uca ubona ko abakristo bo kwitsitso baca batangura imyiyerekano n’intambara bagwanya ako kadumbidumbi k’abahinduye Bibiliya. Abayuda nyabo boca bitegurira intambara no kubayuda bigenga kugira bahagararire ijambo ry’Imana yabo.

Torati yoba yahinduwe ryari? Hamwe inyishu yoba ari” imbere” ya Muhamedi ca umubaza igituma Muhamedi yavuze Mose mw’izina incuro 136 muri Korowani, Aburahamu incuron 69, Satani incuro 68 (Shaitan), Isirayeri incuro 47, Salomo incuro 17 na Dawidi incuro 16. Haba mu buryo bwumvikana canke buhinyitse Korowani yagumye yerekana ivyakozwe muri Torati hamwe n’uko vyagiye bihishurwa na Allah. Mu myaka icumi n’itanu ariko akora ibikogwa vy’idini Muhamedi yafata Torati kuba ukuri kutagabanije. Kubera ko atashobora gusoma igiheburayo yaca agendera kunsiguro zo kumunwa yaronka mu rurimi rw’icarabu. Ntibamuhaye Bibiliya ngo yisomere ariko yumva inkuru hamwe n’amategeko yakoreshwa yo muri Mishna na Talmud.

Igihe Umu Islamu agumye yibaza kuco Bibiliya yoba yarasibanganijwe mu myaka yanyuma ya Muhamedi ari i Medina, ca wishura ko Bibiliya muri ico gihe yari imaze gushigwa mu zindi ndimi nyishi: Ikigiriki, Ikilatini, Ikiarmeniya, Igisiriya, igicadeya, igikoptike, ikinyabisiniya n’izindi ndimi zitari zike. Muri izo ndimi vyaba ari ibitabu amajana n’amajana, namba atari ibihumbi vyanditswe n’iminwe. Ninde yari kwegeranya izo Bibiliya zose muri izo ndimi zose ngo ahindure amajambo amwe amwe kumpapuro zimwe zimwe? Kuberako Bibiliya yari imaze gukwiragira mugihe ca Muhamedi vyari ibidashoboka ko haba umuntu ashobora kuyihindura!

Ni ibiki canke ibihe bice vyoba vyarasibanganijwe muri Bibiliya? Nta mu Islamu ashobora kuguha inyishu ibereye kuri iki kibazo! Benshi muri bo ntibazi n’ibiri muri Torati. Kubera ivyo; dushobora kubereka ko tugifise ivyanditswe uko vyamye bicandikwa muri Bibiliya yambere mbere tukanaraba n’ivyoba vyatowe munyuma tukabiraba turikumwe n’uwo Islamu. Kuva ico gihe, dufise uburenganzira bwo kumubwira ko Bibiliya yacu ari iyukuri. Si twebwe, twobazwa ko itigeze ihindugwa ariko baza umu Islamu ngo nyerekane ibinyuranye. Kuko badashobora kuvyerekana. Kugera bazanye iyo bavuga ko itahinduwe. Tugaca twihutira kubaha Bibiliya yashinguwe itigeze isibanganywa.

Umushingantahe Deedat yagerageje gusuzugura Bibiliya afashijwe n’ibihari vyo gusambura yahabwa n’abatizera b’abanyaburayi kuva mu kinjana ca cumi n’icenda. Vyinshi muri ibibihari vyari vyaramze kiva kugihe aho siyanse imariye kubigaragaza. Birakenewe cane kubajanabutumwa bakorera muba Islamu ko basoma ibitabu vya Deedat kugira bashobore gutanga inyishu z’ibibazo yabaza, Umushingantahe John Gilchrist, umuntu yanonosoye ivy’ubutungane muri Africa yepfo, kugira ashobore gutanga inyishu zibereye kubibazo yabajijwe.

Abahinga bamwe ba Islamu berekeza kunyandiko ntonto (footnotes) turi mw’Isezerano Rishasha riri mukigiriki, ivyo bikaba vyerekana udutandukaniro turi munyandiko zambere. Bagerageza gukoresha utwo dutandukaniro kugira bemeze impari zabo. Ubwo budasa nibwo bwategerezwa kwerekana ukuri kw’ijambo ry’Imana, Ubwizigigwa, n’ubwenge bw’urunganwe uko rwagiye rukurikirana, Abahinga muvy’indimi mbere n’abahinga muvy’inyigisho menyeshamana batigeze bagerageza guhinyanyura ngo bagire igitabu kimwe kigezweho, ariko kubera ari ukuri bagerageje kubika mbere nutuntu twose tutahurijweko. Nta gitabu nakimwe ngaha kwisi cahinyujwe cose nk’isezerano rishasha rifise inyandiko zambere zirenga igihumbi n’amajana atanu 1500.

Muri Korowani hoho biranyuranye! Igihe Muhamedi yapfa hariho inyandiko zirenga icumi na zibiri zinyuranye kuburyo zitokwigera zihuzwa, kugeraho bivyura impari n’imishwano hagati y’abasoda b’abasubirizi ba Muhamedi. Umusubirizi Uthman yahaye itegeko Zaid b. Thabit ngo ahinyanyure ashobore kuronka Korowani isubiwemwo ibindi vyose vyari biriho vyaciye biturigwa!! Aba Islamu b’uyu musi nta Korowani ya Muhamedi bafise ariko bafise izasubiwemwo kuri Uthman. Abashite bama basaba igihe cose – mbere bamwe n’uyu musi baracabisaba- Ko Korowani ya Uthman yahinduwe irasibanganwa.

Umuzingo wa Yesaya w’i Qumran
Imizingo y’ iQumran, yatowe n’abimukira iruhande y’ikiyaga gipfuye, birakenewe kuburyo budasanzwe kugira bigaragaze ukudasibanganwa kwa Bibiliya. Murivyo hari umuzingo wa Yesaya watangaje ingene wari ubitswe neza. Abahinga muvy’ubushakashatsi bihweje uwo muzingo baca basanga woba wanditswe mu mwaka hagati ya 150 na 100 imbere ya Yesu. Uwo muzingo watowe hariko hakoreshwa imizingo yo muri 875 Inyuma ya Yesu. Inyuma yo gutora ubwambere umuzingo wa Yesaya I Qumran vyaciye bitangura gushoboka ko babona amakosa matomato yagiye aba yo kuvyimura mu kiringo c’imyaka igihumbi 1000, canke ko higeze kuba aho habaye guhinyika. Ico gihe mbere Bizana n’ubuzima bwa Muhamedi mbere n’intango ya Islamu, kugira ivyo bagiriza Bibiliya vyishugwe ubutagisubura inyuma. Abanditsi baragize udukosha igihe bariko barimura umuzingo wa Yesaya. Buri gakosa kashigwako utuburungu dutatu hejuru kuri ugwo rudome. Urwo rudome gwihenzwe rugaca gwandikwa hejuru. Ntacafuswe muri ico gisomwa. Vyose bigaragara kugira amaso yose avyibonere. Barangije gukosora indome zose zo muri uwo muzingo wose muwari uhasanzwe n’uwo ubonetse zaraharuwe aho bikenewe hose kugera aho ibinyuranye vyose bikugwamwo! Umuzingo wa Yesaya mw’isenga ry’I Qumran ubera ingorane umu Islamu wese agomba kumenya ukuri. Mubiganiro kubijanye n’uko Bibiliya itasibanganijwe birakenewe ko tutibagira ko Korowani ataho yagiriza Ubutumwa Bwiza ko bwasibanganijwe. Muhamedi yubaha abakristo akanemera ko batabeshe kandi ko batamubeshe. Izi mpari zategerezwa kuba zishira ukuri imbere, bigakorwa muburyo bw’ikibazo tutabamaramaje!

3.07.4 -- Korowani ishingira intahe gute ukuri kwa Bibiliya?

Mu ntango Muhamedi yubaha abakristo n’abayuda kubera bari bafise ibitabu vyeranda. Yemeye intahe zabo, vyahinduwe mururimi rw’icarabu, aca anavyinjiza muri Korowani. Uwatanguje Islamu ntiyigeze agira amahigwe yo gusoma Torati n’ubutumwa bwiza mururimi kavukire gw’icarabu kuko igitabu kitari bwashirwe mururimi rw’icarabu. Gusa igihe Muhamedi yari amaze gutanguza idini ryiwe rya reta i Medina kandi akitega ko baca bamwemera, bakamutera intege, kandi hakaba n’abishikana mu Bayuda n’abakristo, haciye hatangura guterana amajambo nabo kuko batagomvye kwifatanya nawe. Kubera banse kumwemera nk’intumwa, yarabagwanije, arabirukana mbere n’abayuda Arabica. Abakristo bafatwa neza muntango kuko abanya abissiniya bahaye ubuhungiro aba Islamu igihe bariko bahamwa.

Kuva aho Muhamedi yagomvye ko abayuda binjira mw’idini ryiwe, yaciye atanga imirongo myishi myiza ivuga neza abayuda, ikaba yokoreshwa mukwereka aba Islamu ko Bibiliya ari igitabu co kwizegwa kitigeze gihindurwa.

● Iyo mirongo dusanga ari myinshi muri Sura al-Ma'ida. Abayuda bari i Medina baragerageje Muhamedi, umukuru n’umucamanza mukuru w’igisagara, ngo acire urubanza rw’uwasambanye mukibano. Ariko Muhamedi atashobora gusoma Torati ubwiwe, yabonye ko ari umutego wotuma asuzugurika, canke akaboneka nka ntaconezwe, ivyo vyatumye umengo yokwihora uwo muryango. (Sura al-Ma'ida 5:42). Aca asubiza ikibazo kubarongozi ‘abayuda, akoresheje ivyiyumviro bibereye kandi vy’ingirakamaro. (Sura al-Ma'ida 5:43-45):

43 Mbese ubundi aba (Bayahudi) bakugira umucamamanza wabo bate kandi bafite AL Tawrah nayo ikaba irimwo amategeko ya Allah? (Nyamara iyo umaze kubacira urubanza) nyuma y’ibyo baraguhindukira. Abo ntabwo ari abemera (uko biri kose barabesha).

44 Mubyukuri twamanuye AL Tawrah irimwo ubuyobozi n’urumuri ari nayo abahanuzi nka (Musa n’abandi baje nyuma ye) baciraga bugufi (ubushake bwa Allah, bakoreshaga) bacira abayahudi Imanza bayikoresheje), Kuberako ico gitabu ca Allah aribo cari carandikiwe bakaba abahamyab’ (ukuri) kwaco. Bityo rero (Mwe bamenyi b’abayahudi mwe!) ntimugatinye abantu (Kubatinya gutume muhisha ukuri muzi byanditse mubitabu byanyu kubirebana n] ubutumwa bwa Muhamedi), ahubwo abe ari (jye gusa) muzajya mutiny. Ntimugafate ibyahishuwe byaNje byagaciro kanini ngo mubiguranye iby’agaciro gato. Abadacira abantu imanza ngo banategeke bifashishije (amategeko ari mu gitabu cya) Allah yamanuye abo nibo bahakanyi.

45 (Muri AL Twrah) Twabategetsemo ko umuntu uzica uwundi, izuru rihorewe irindi, ugutwi guhorewe ukundi, iryinyo rigahoregwa irindi, kandi ko hazajya hanabaho Guhora (Qisas) igihe habayeho gukomeretsanya. Uzababarira uwo yagombaga guhora (Ntabe agikorewe nk’ivyo yamukoreye), ivyo bizaba bimubereye impongano (atangiye ibyaha bye gutyo Allah abimuhanagureko). Abadacira imanza abantu ngo banabategeke bifashishije (amategeko ari mugitabu ca Allah) yamanuye abo nibo nkozi z’ibibi.

Iyi mirongo ngirakamaro yatumye abayuda badategekwa kuba aba Islamu naho boba bari mugihugu c’aba Islamu! Barekuriwe gucira imanza ibintu vyabo bisunze amategeko y’Imana yabo. Igituma iri tegeko rihambaye ribaho riva muntahe ya Muhamedi ubwiwe, yemera uyu murongo wo muri Korowani ico gihe amategeko n’uburongozi bwisunze Torati yose uko iri mw’Isezerano rya Kera niko nubu ikimeze uyu musi. Yanemeje kandi ko hariho uburongozi bwemewe n’amategeko burimwo umuco w’Imana muri Torati, kandi harimwo guca imanza kutarenganya, uburongozi n’impuhwe. Iyi mirongo yo muri Korowani yerekana ko Allah arongoye aba Islamu neza kandi atigera abazimiza. Banezerwa no gukurikira ingingo za Allah, kubera bafise igitabu cahishuwe n’Imana. Kubera iki none aba Islamu bubahuka kuvuga ko Torati yoba yarahinduwe.

● Abandi bafise ubudahangagwa bwo kwishikana muri Islamu nk’ubwo ni abakristo:

46 Nyuma y’izo ntumwa twabohereje Isa (YESU) mwene Mariyamu (Mariya) aza ari uwo kubahamiriza ibyariho mbere ye muri AL Tawrah, Tumuha Al injil yarimwo ubuyobozi n’urumuri, inahamya ibyari (Byaranditswe) muri AL Tawrah mbere ye, n’ubuyobozi n’inyigisho kubatinya (Allah bamuha icyubahiro kimukwiriye)

47 Ngaho abantu ba Al Injil nibaje bategeka kandi bacire abantu imanza bakurikije ibyo Allah yayimanuyemo. Abadategeka ngo banace Imanza bifashishije (amategeko ari mugitabu ca) Allah yamanuye abo nibo bayobye. (Sura al-Ma'ida 5:46-47).

Abakristo baba mubihugu vy’aba Islamu bategerezwa kwiga iyi mirongo uko ari ibiri ku mutima, kubera irimwo uburenganzira bwabo bwo kuguma ari abakiristo. Ntanumwe muribo ategekwa kuba umu Islamu.

Ishimikiro ry’iri tegeko ridasanzwe ni uko Allah yatanze Isa ngo aze kwemeza ko Torati ari iyukuri itigeze ihinduka kuko nico cari canamuzanye (Mat 5:17-18). Uyu mirongo kandi werekana ko muri Korowani Ubutumwa Bwiza bufatwa nk’ubwavuye kumana, ihishugwa ryo kumunwa irimwo uburongozi n’umuco. Ikindi, dusoma ko ubutumwa bwiza Yesu yavuze bwari ubwo gushitsa ivy’Isezerano rya Kera Torati ubwayo. Ibi bimenyamenya bibiri vy’ubwizigirwa bwa Torati biciye muri Yesu n’Ubutumwa Bwiwe vyari vyemewe mugihe ca Muhamedi mbere no gushika uyu musi! Aha rero iki kintu Allah yavuze muri Korowani cozibiza aba Islamu bagiriza abakristo ko bahinduye Ubutumwa Bwiza.

Muhamedi yaretse Allah aramwereka uburongozi budasanzwe n’ubutumwa ubwo Kristo yahye abamukurikira. Birashoboka ko yoba ariko avuga ubutumwa bwo kumusozi (Matayo 5-7), Ubwo Muhamedi atari ashoboye gusoma na kwandika, kubera butari bwahindurwe ngo buje mururimi rw’icarabu. Ikirengeye ivyo, Muhamedi yatanguye ibikorwa vyiwe vy’idini atazi gusoma no kwandika. (Sura al-A'raf 7:158-159).

Kubw’ukwo kuri no kubw’ubu butumwa bita ubwa Allah Muhamedi yakuyemwo itegeko aca areka Allah aramutegeka ko umuntu wese afise Ubutumwa Bwiza ategerezwa kuba aribwo akurikiza. Umukristo wese atabayeho yisunze ubutumwa bwiza aba ari umwicanyi.

Abakristo muri uyu murongo wonyene bitwa abantu b’Ubutumwa Bwiza kuko kenshi bavuga bakanisunga ivyo mubutumwa bwiza iyo bavugana na Muhamedi bo n’aba Islamu, kandi bakanagerageza kubikora. Iri zina ry’iteka riboneka gusa muri iyi Sura rigaca rinita abakristo ko ari "ubutumwa bwigendera".

● Muri uwo murongo nyene Sura (5:48) Muhamedi yahawe uyu murongo udasanzwe:

48 Twakumanuriye iki gitabu (Korowani kugira ngo ugaragarize abantu) (Ivyari vyaranditswe) mubitabu byabayeho mbere yacyo, no kubibungabunga. Nuko rero jya …

Aba Islamu bizera ko hariho igitabu kindi bikomokako mw’ijuru, Nyina w’ibindi bitabu vyose vy’Imana, ico nico intumwa yose yagiye ihabwako impapuro nkeya. Tukiri kuri iyi mirongo Muhamedi yemeye ko Allah avuga ko Korowani yemeza Torati n’ubutumwa bwariho mugihe ca Muhamedi, arabikora, Allah ubwiwe, arinze ijambo ryiwe kugira ntihagire umuntu n’umwe ashobora kurisiribanga. Mbega Allah yari asinziriye igihe abakristo n’abayuda bahindura ijambo ryiwe “Bibiliya”, nkuko aba Islamu bamwe babivuga. Allah yoba ari umubeshi kuko yavuze ivyo adashoboye.

● Muri iyo ico gice nyene Sura (5:68) Muhamedi yabonetse nk’uwugomba kwigira "umvugabutumwa". Yarashavura abonye abayuda n’abakristo batamwizeye kandi bamwe muribo ntibanakurikize uko ibitabu vyabo bibategeka kubaho:

68 Babwire uti: Yewe abahawe igitabu mwe! Nta kintu kizima muzaba mushingiyeko kiretse igihe muzashira mubikogwa (Ibyanditswe) muri Tawrah na Ijnjil, ndetse n’ivyo mwamanuriwe na Allah umugenga wanyu.

Muri uyumurongo Muhamedi yabajije abayuda n’abakristo ngo bige Torati n’ubutumwa bwiza kandi ngo babeho uko bivuga, munteguro, no kuzocibwa urubanza arivyo vyisunzwe. Muhamedi muri iki gihe yari yizera ko ibitabu vyose vyavuye mw’ijuru vyavuye ahantu hamwe kandi ko bingana bikanuzuzanya vyose. Ntiyigeze yibaza ko yaba Torati canke Ubutumwa Bwiza vyoba vyarasibanganijwe bigahindurwa, ahubwo yasavye abantu babihawe ko bobikurikiza mubuzima bwabo bwa misi yose.

Umuvugabutumwa w’umwarabu yakoresheje uwo murongo i Yorodaniya, agenda amanitse Bibiliya ayifatishije ukuboko kw’iburyo, aduga yongera amanuka mu guhamagarira kuja mu rugendo rweranda i Maka avuga ati “Ntaco murico gushika aho muzosubizaho Torati n’Ubutumwa Bwiza!” Uwo muvugabutumwa ntiyashima kuvuga atomoye amajambo ya nyuma kandi yakomeza ahamagarira aba Islamu bose kuza ngo bagure Bibiliya. Ntan’umwe yagize ico amugira kuko yariko arasubiramwo imirongo yakomotse mw’ijuru akuye muri Korowani!

● Muri Korowani hari imirongo ibiri yofasha ariko ntigakoreshwe kenshi. Muri Sura Yunis 10:94 Allah ategeka Muhaledi ati:

94 Niba ushyidikanya kuvyo twakumanuriye baza abasomye ibitabo imbere yawe. Rwose wagezweho n’ukuri kwa Nyagasani wawe ntube mu bashyidikanya.

Muhamedi yarondeye ukuri kwa Bibiliya mu bayuda n’abakristo, aca abika mu mutwe ubutumwa bwabo, abusobanura mu carabu ciza maze aza abukoresha mu nyuma mu kubagwanya. Yarahishira rimwe na rimwe ivyo yabumviseko ariko ugasanga ntashobora kwibuka insiguro y’ayo majambo n’ivyari biyagize. Ntayindi nzira rero yari asigaranye atari ugutakambira Allah yamubwiye iyo mirongo yo muri Bibiliya ngo amubwire ico yoba asigura mu gihe ciwe. Ni gute none aba Islamu bovuga ko Bibiliya yahinduwe, kandi Allah akomeza guhamagarira Muhamedi ngo yegere abayuda n’abakristo ngo bamusigurire ivyo Korowani ivuga kubera aribo bahawe igitabu imbere yiwe? Uyu murongo ntitwoshobora kuwusigurira aba Islamu ubwacu, ariko twobabaza ico usobanura gushika aho aribo bamenye insiguro y’ukuri yawo.

● Muri Sura al-Nahl 16:43 umurongo usa n’uwo urigishwa kandi aba Islamu bose. Allah aboneka nk’uwawusomeye Muhamedi:

43 Mbere yawe ntitwigeze tugira abandi bantu twohereza uretse gusa abagabo twabaga twahishuriye ubutumwa bwo kugeza abantu. Niba mwebwe atacyo muzi, nimubaze abafite ubumenyi ku i byahishuwe biziranenge.

Muhamedi yateye intege aba Islamu gusiguza abayuda n’abakristo imirongo bafiseko amakenga muri Korowani kugira bababwire ibijanye na Allah n’amategeko yiwe. Ariko Muhamedi ntiyigeze abatuma ku mukristo canke umuyuda n’umwe, ariko yabatumye gusa ku bantu bashobora gusubiramwo ivyanditswe ku mutwe vyo muri Torati no mu Butumwa Bwiza ijambo ku rindi.

Uwo wese ashaka kubwira Ubutumwa Bwiza aba Islamu nk’umukozi wa Kristo, akwiye gufata ku mutwe imirongo ngenderwako mu rurimi rwabo, atibagiye ibice n’imirongo. Muhamedi yatumye aba Islamu ku bantu gusa bashobora gusubiramwo ijambo ry’Imana batitwaje igitabu.

● Hari imirongo myinshi muri Korowani yemeza ibigize Bibiliya. Reka twerekane kandi ivyo Allah yahishuye muri Korowani:

27 Nyuma yabo kandi twakurikijeho kohereza intumwa zacu, dukurikizaho kwohereza Isa mwene Mariyamu kandi tubikora tumuhaye Injili. Kandi mu mitiba y’abamukurikiye, twateyemo impuhwe n’imbabazi… (Sura al-Hadid 57:27).

Muhamedi yasubiyemwo kenshi ko abakristo ari abagenzi b’abansi b’aba Islamu kuko babafitiye ikigumbagumba n’imbabazi. Ivyo ni ivyo Muhamedi yabayemwo igihe yariko arahamwa cane i Maka. Yateye intege aba Islamu 83 ngo baronderere ubuhungiro muri Etiyopiya. Ntibahinduwe abaja, ariko barafashijwe bongera bahabwa umwidegemvyo. Muhamedi yibajije uko ivyo vyoshobotse. Yaciye asanga vy’ukuri ko Allah yahumekeye Isa Ubutumwa Bwiza, amushiramwo n’imbabazi, urukundo kandi ico kigongwe agishira mu mitima y’abakurikira Kristo mu bwizigirwa.

Muhamedi yabonye ikintu kidasanzwe mu bakristo ariko ntiyatahura ikintu kibahindura gushika aho bakunda, bagafasha mbere bakanywana n’abansi babo. Inyishu iri mu gitabu c’Abaroma 5:5b aho Paulo avuga ati: “Kuk’urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu na Mpwemu Yera twahawe."

Muhamedi ntiyamenye ukuri kwa Mpwemu Yera, ariko yabona ivyamwa vya Mpwemu mu bakurikira Kristo. Uyu murongo werekana inzira nziza y’uko twosigurira aba Islamu ko Bibiliya itahinduwe. Nta bundi buryo bwiza twokoresha gusumba urukundo n’imbabazi dukonda mbere n’abansi b’umusaraba. Ubuzima, amasengesho, intahe n’ibikorwa vyacu bishobora guhinduka igikoresho co kwisunga mu kumenyesha aba Islamu ko Bibiliya ari ukuri kandi yuzuye imbaraga. Umwe wese muri twebwe abifisemwo uruhara.

3.07.5 -- Intahe y’ubuzima bw’umukristo

● Petero aramwishura ati: Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kwari wewe ufise amajambo y’ubuzima. Natwe twarizeye, tumenya yuko wewe uri Uwera w’Imana (Yohana 6:68; Mat 16:16). Mu nyuma kandi Petero ashimangira iyi ntahe yiwe mu cete ciwe ca mbere: Kuko mwavyawe ubwa kabiri, mutavyawe n’imbuto ibora, ariko mwavyawe n’imbuto itabora, mubiheshejwe n’ijambo ry’Imana ririho rigahoraho. (1 Pet 1:23; Yoh 1:13; 3:5).

● Yakobo, mwene wabo na Yesu yemeje ibi mu kwandika: Nk’uko yabigabiye ubwayo, yatuvyarishije ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo. (Yakobo 1:18).

● Johana, umuto mu bigishwa biwe, ashinga intahe ati: Icariho uhereye ubwa mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri Jambo w’ubugingo- kand’ubwo bugigo bwarerekanywe, turabubona, turabushingira intahe, kandi turababarira ivy’ubwo bugigo budashira, bwamanye na Data wa twese, tukabwerekwa-ico twabonye tukacumva nico tubabwira namwe, kugira ngo namwe mufatanye natwe. Kandi natwe dufatanije na Data wa twese n’Umwana wiwe Yesu Kristo (1 John 1:1-3).

● Paulo yakuyeho amakenga ati: Kuk’ubutumwa bwiza butantera isoni, ar’ubushobozi bw’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki (Abaroma 1:16).

● Umwanditsi w’icete c’Abaheburayo atubwira ati: Kukw’ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubw’inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokoro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira (Abaheburayo 4:12).

Kuva ku myaka 2000 y’akahise k’ishengero, dusoma intahe zidaharurika z’abashingantahe n’abapfasoni bamenye ko amajambo ya Yesu ari impwemu n’ubugingo, ryuzuye ubushobozi bwose, ukuri n’ubwenge. Umwungere Wilhelm Busch akomoka muri Essen mu Budagi yateye intege abizera bo mw’ishengero ryiwe mu gihe c’ijoro ry’amabombe mu ntambara ya kabiri y’isi yose: “Iyo hateye amakuba ateye, ikintu nyamukuru ukwiye gukingira si ukwirukangana amafaranga yawe canke agatabu ko kwakirako amahera muri banki, ariko wokingira Bibiliya kuko Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw’atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana (Mat 4:4; Luk 4:4).

Itunga ry’indirimbo y’umuvugabutumwa n’indirimbo z’ikanguro ni inyishu ku bantu bizera Imana, iyo Ivuganye nabo. Bayihimbaza nk’Umuvyeyi wabo, bakayaturira ivyaha vyabo, bagahabwa imbabazi n’ubushobozi biva kuri yo vyo Bizana ikigongwe n’urukundo mu kubaho kwabo. Bumva kandi umuhamagaro wo gusangira n’amahanga yose ijambo rizima ry’Imana kuko Ubutumwa bwiza bukwiye kubanza kuvugwa hose imbere y’uko Yesu agaruka.

Martin Luther yaririmvye ati:

Uhoraho tuzigamire mw’ijambo ryawe
Hagarika abo bose badutera ubwoba kubw’imitego n’inkota
Wokwama Umwana wawe ubwami
Ugahindura ubusa ivyo yakoze vyose.
(Indirimbo ya Luther, Australia, 197, 1)

Ishengero ry’i Leipzig ryaririmvye mu mwaka w’i 1597:

Ijambo ryawe ni ukuri kandi rihoraho,
Amasezerano yawe ahoraho ibihe vyose
Mu buzima bwanje no mu rupfu.
Uhoraho Mwami :
Unshoboze nk’uko uri,
Mu kunyongera intege zose nkeneye.
(Indirimbo ya Luther, Australia, 535, 3)

3.08 -- Utubazo

Mwenenedata Musomyi!

Nimba wize neza aka gatabu, urashobora kwishura ibibazo vyoroshe ibibazo bikurikira. Umuntu wese yishura neza 90 kw’ijana y’ibibazo vyose muri ubu butabo umunani vyo muri uru rukurikirane, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo rw’ikigo cacu.

Inyigisho Zisumbuye
Munzira zifasha mukugiranira ibiyago n’aba Islamu Kuvyerekeye Yesu Kristo

nk’ibigutera intege mubikorwa vya kazoza kuri kristo.

  1. Ni igiki gihungabanya aba Islamu benshi ku bijanye n’ukuri kwa Bibiliya? Kuki ivyo bigora benshi muba Islamu kwizera igice na kimwe ca Torati canke Ubutumwa Bwiza?
  2. Ni iyihe ngorane yari izwi ku bayuda b’i Medina igihe bagerageza kunyegeza Muhamedi amwe mu mategeko yari muri Torati n’urubanza rwo mu gisagara cabo?
  3. Ni ibihe mu birego 10 vya Korowani kubijanye a Torati ubona ko biteye ubwoba cane kuri wewe?
  4. Ni hehe Korowani ivuga ko abayuda bo kw’isi yose bagiye hamwe bemeranya guhindura bimwe mu vyanditswe vyo mu gitabu cabo ceranda?
  5. Ni hehe havuga ko Torati yose yahinduwe?
  6. Mbega Korowani ivuga iki kubijanye n’isibanganywa ry’Ubutumwa bwiza(Injili)?
  7. Ni gute wokwereka neza umu Islamu ko “Umuvugishwa” yasezeranywe nka “Mose” mu Gusubira mu vyagezwe 18:15,18 atari Muhamedi?
  8. Kuki isezerano rya Yesu ku bijanye n’ukuza kw’Umwitsa (parakletos) bitoshobora namba kuboneka ko vyashikijwe mu kuza kwa Muhamedi?
  9. Mbega abize ivy’inyigisho za Islamu babonye iki bamaze kugereranya Bibiliya na Korowani? Gute bagerageje gutorera inyishu ubwo budasa buri muri ivyo bitabu bibiri?
  10. Ni ubuhe buryo bw’inyigisho z’ishano z’umushingantahe Deedat kandi ni kuki izo nyigisho zashoboye no guhunganya ukwizera kw’abakristo babushitse muri Aziya ndetse na Afrika? Sigura ingorane yerekanye kuvy’izuka rya Kristo amaze guhambwa nyuma y’ “imisi itatu n’amajoro atatu”!
  11. Ni ibihe bintu 5 wokoresha mu gusigurira umu Islamu ukudahinduka kw’ivyanditswe vyose biri mu bitabu vya Bibiliya?
  12. Ni gute Imana ubwayo yemeje Yeremiya ukudahinduka n’ukwamaho kw’ijambo ryayo?
  13. Ni igiki twokwiga mu Gusubira mu Vyagezwe 4:2 n’Imigani 30:5-6 iyo turiko turashingira intahe ukuri n’ukudahinduka kwa Bibiliya?
  14. Ni iyihe mirongo yo mw’Iszerano rya Kera yerekana ko ico gitabu ceranda ubwaco gishingira intahe ukudahinduka kwaco kwaturutse mw’ihishurwa ryo mw’ijuru?
  15. Ni gute isezerano ry’Uhoraho muri Yesaya 55:10-11 rihumuriza umwizigirwa wese ariko arabwira ubutumwa aba Islamu?
  16. Kuki umukristo wese ariko arabwira ubutumwa aba Islamu akwiye kumenya iki kintu ciharije ca Yesu kiri muri Matayo 5:17-18 mu mutima?
  17. Ni gute Yesu yavuze uguhoraho kw’ijambo ryiwe?
  18. Ni iki twokwigira k’ukuri kw’intangamarara y’Ubutumwa bwiza bw’Umugiriki w’umuganga Luka?
  19. Mbega ibi vyosigura iki k’umu Islamu ko Yesu yitwa "Jambo w’Imana" mu mubiri haba mu Butumwa bwiza bwa Yohana ndetse no muri Korowani?
  20. Kuki Mpwemu w’ukuri akenewe kuri twebwe ndetse n’aba Islamu? Kuki Mpwemu w’Ukuri nk’uwo atabaho muri Islamu? Mbega ivyo vyozana iyihe ngaruka kuri wewe mu gikorwa cawe ukorera muba Islamu?    
  21. Kuki Yesu yavuze mw’isengesho ryiwe abwira Se wiwe wo mw’ijuru: "Ijambo ryawe ni ukuri"? Mbega iyi mvugo isobanura iki?
  22. Kuki Ivyahishuwe 22:18-19 haboneshereza umu Islamu wese yuguruye umutima wiwe?
  23. Ni gute ikibazo, "Ninde yahinduye Torati?" co gufasha mu kwereka aba Islamu ko ata muntu n’umwe yari gushobora gusibanganya Bibiliya mu buryo na bumwe?
  24. Ni gute ikibazo, "wibaza ko Torati yoba yahinduwe ryari?" co gufasha mu kurongora aba Islamu ku kuri kwa Torati?
  25. Kuki ivyanditswe vya kera 1500 vyo mu bice bitandukanye vya Bibiliya bitononwe? Kandi ni kuki ivyanditswe vya mbere vyose vya Korowani vyaturiwe?
  26. Ni ibihe vyiyumviro bidasanzwe ushobora kuronka mu muzingo wa Yesaya watowe i Qumran?
  27. Ni ubuhe burenganzira budasanzwe abayuda bafise iyo babamuri Reta itwarwa n’aba Islamu urabiye muri Sura al-Ma'ida 5:43-45? Ni gute Muhamedi yemeje ukudahinduka n’ihishurwa ryakomotse mw’ijuru muri Torati muri iyo mirongo?
  28. Ni gute iyi mirongo Sura al-Ma’ida 5:46-47 iha uburenganzira abakristo bose bwo kugama aribo basanzwe baba mu kibano c’aba Islamu? Kuki umukristo wese abana n’aba Islamu yiga, akamenya iyo mirongo kumutwe? Sigura ibigize iyo mirongo ibiri muri Korowani!
  29.  Ni gute Muhamedi yavuze ko Korowani yemeza Isezerano rya Kera n’Isezerano Rishasha? Ni gute Allah muri Islamu yari akwiriye kurinda ihishurwa ryiwe? (Sura al-Ma'ida 5:48)
  30. Kuki Muhamedi yahatswe kuba umuvugabutumwa mu guhamagarira abayuda n’abakristo ngo babeho bakurikije ibiri mu bitabu vyabo? Mbe ibi bisigura iki ku bijanye n’ukuri kwa Bibiliya? (Sura al-Ma'ida 5:68)
  31. Ni bande Muhamedi yasabwa kubaza insiguro igihe cose hagize ivyo adatahura muvyo yahishuriwe? (Sura Yunus 10:94)
  32. Ni bande aba Islamu bahamagarirwa gusaba ngo babasigurire igihe cose hari ico badatahura muri Korowani? (Sura al-Nahl 16:43)
  33. Ni ikihe kimenyetso c’ukuri n’ubushobozi bwa Bibiliya? (Sura al-Hadid 57:27)
  34. Ni uwuhe murongo tubona mu ntahe z’intumwa za Kristo werekana neza ko Bibiliya ari ijambo ridahinduka ry’Imana?
  35. Kuki intumwa Paulo yavuze ko Ubutumwa Bwiza bwa Kristo bwuzuye ubushobozi bw’Imana? (Abaroma 1:16)
  36. Mbega Uhoraho yoba yavuganye nawe biciye mu nyandiko zasohowe ziri muri Bibiliya? Arivyo, reka tugusabe utwandikire mu majambo make ivyo yakubwiye.

Umuntu wese yishuye ibi bibazo ararekuriwe gukoresha ikindi gitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu munyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagutuma, akagukomeza, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwawe kwose!

Abo musangiye umurimo,

Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:

info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 14, 2022, at 01:21 PM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)