Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":

Home -- Kirundi -- 01. Conversation -- 2 Muslims Differ

This page in: -- Arabic? -- Cebuano -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Hausa -- Igbo -- Indonesian -- KIRUNDI -- Russian -- Somali -- Telugu -- Ukrainian -- Uzbek -- Yoruba

Previous booklet -- Next booklet

01. Ikiganiro n’aba Islamu kuvya Kristo

2 - ABA ISLAMU BOSE NTIBIZERA CANKE NGO BIYUMVIRE KUMWE!

Mukubwira ubutumwa bwiza aba Islamu ni vyiza kumenya ko bashobora gutandukana. Umwihwezo w’imigwi mikuru mikuru y’aba Islamu uzotuma witegura neza guhura n’abantu babereye mu mwanya ubereye.



2.01 -- ABA ISLAMU BOSE NTIBIZERA CANKE NGO BIYUMVIRE KUMWE!

2.02 -- Iterambere muvy’akahise n’uko vyoshirwa mungiro

Umuntu wese agomba gutahura ivyiyumviro vy’aba Islamu ategerezwa kumenya uko kahise kabo kagiye gahinduka mukibano c’abayuda n’uko amashengero rukristo ryo mu kigobe c’abarabu no mu bihugu vya Mediterane. Islamu ntiyadutse, ariko yagiye ikura bivanye n’ihura ry’abasenga ibigirwamana, Abayuda n’Abakristo.

2.03 -- Abayuda n’abakristo imbere ya Muhamedi.

Abayuda bari barakwiragiye mu mpande zose aho abasoda b’abaroma bari barifatiye muri Siriya canke baragurishijwe nk’inyagano igihe bari bakuyeho imigumuko yabo (70 N.Y.; 132/135 N.Y). Abayuda barakoronije Aziya ntoya, muri Iraki, mukigobe c’abarabu, muri Egiputa, mbere n’i Roma ubwaho.

Ibihuhuta vy’intambara hagati y’amareta ya Mediterane n’ingabo zitema zitongora zivuye muri Aziya, Abayuda baba mubuseruko bwo mubugaragwa bwa Siriya bagwanira aba Sassanide bagwanya Abaroma. Bafashijwe n’abo bishize hamwe baragize ubwami bw’abayuda mu maj’epfo ya Yemeni, aho ibihumanya nk’ubushakanyi vyagenda biba nk’uruhome kubakristo bo mu bwami bw’i Bizantina.

Inyuma y’uko abaroma bahagaritse imigumuko y’abayuda hagati y’i Yelusalemu ni Damasiko, ishengero rukristo ryari rikorera cane cane mu bisagara nka Alexadria, Antiyokiya, Efeso, Roma, Edesa n’i Konsitantinople. Bavuga ubutumwa i Mezopotamiya, Etiyopiya, Afrika ya ruguru na Aziya yo hagati. Aba Copt bo muri Etiyopiya batanguye kuvuga ubutumwa bw’ Ubwami muri Yemeni ya ruguru baca bubaka ubwami bw’abakristo bwamaze ibinjana bike n’ubwepisiko i Wadi najaradi. Intambara zaradutse hagati y’ubwami bw’Abayuda muri Yemeni yepfo n’ubwami bw’aba Copt muri Yemeni ya ruguru. Abaja b’abakristo bava muri Siriya nabo nyene bagurishwa Hedjaz. Ishengero ryo munzu ry’i Maka ryakoraniye kuri Waraka mwene Nawfal. Muri iki gihe umusenyeri w’Sohat aho uyu musi bita Sultanate muri Oman, yari murugendo rw’ikoraniro kaminuza ry’i Nicea.

2.04 -- Muhamedi”n’abantu bahawe igitabu”

Muhamedi (575-632 A.D.) yaratangazwa n’abayuda hamwe n’abakristo kuko bari bafise igitabu cabahishurira amabanga yo muri kahise, kugera mbere no kw’iremwa, kandi kigatunganya kubu kabo mugushiraho amategeko ngenderwako mbere kikanabereka kazoza gushika kumusi w’urubanza. Vyatumye muhamedi abubaha cane mbere anabita “abantu bahawe igitabu” Yagize icipfuzo co kugira igitabu nk’ico mururimi rw’icarabu. Yagerageje kurondera amakuru ashoboka yo muri ico kitabu “Bibiriya” ari naho yari afise ivyizigiro vyo kugira idini ryiwe.

Muhamedi yatangazwa cane na Aburahamu, umuntu w’ umwimukira, yemeye gutanga umwana wiwe w’ikinege amutanze kw’ikimazi co kwosa ca Allah. (Sura al-Saffat 3 7:99-113). Kubera ivyo, Korowani ica yita Aburahamu umu Islamu wambere (Sura Al 'Imran 3:67).
Mose, umurongozi w’umunyapolitike kandi akaba n’umuhuza hagati ya Allah n’abantu biwe b’isezerano, avugwa incuro 136 muri Korowani. Yari akarorero kuri Muhamedi n’abamukurikira kubera yashize hamwe ukwizera n’ububasha, idini na reta vyose biba hamwe.

Inkuru y’abatubereye akarorero mukwizera nka Salomo, hamwe n’amategeko ya Mose bingana incuro cumi uravye imirongo ugereranije n’uko bavuga Umwana wa mariya. Uwo yakora ibitangaza mbere n’abamukurikiye bakabikora. Umuntu wese asomye Korowani yama atangura kwibaza ko Islamu ari akadumbidumbi kakomotse kw’idini ry’abayuda, ariko aba Islamu bakabihakana bivuye inyuma.

2.05 -- Uko aba Islamu bisunze ishengero rya Orthodox mugutangura

Amashengero y’aba Ortodox yarisunzwe cane mugutangura idini rya Islamu mbere baranasumvya idini rya Katolika. Mugabo abakristo b’aba Ortodox ntibigeze baha Muhamedi inyigisho za Kristo zikwiye. Igihe aba Copt bobo bashimikira kubumana bwa Yesu nk’uko ishuri ryabo ry’i Alexandria ryabivuga, abakristo bobo bakurikira ishuri ry’i Antiyokiya ryashimikira kuri kamere y’umuntu kuri Kristo.

Imigigwa yo mugusenga yavuye mu rutonde rwo mw’ishengero rya Orthodox aho abayoboke baryo bunama mugihe c’indwi y’imbere ya Pasika mukwubaha no guha agaciro ubutatu Bweranda. Ijambo qir’an muba Orthodox bavuga ururimi rw’icarabu risigura: Gusubiramwo ubutumwa bwiza mugihe c’amakoraniro meranda. Vyoshoboka mbere ko ari naho ijambo korowani ryoba ryaravuye mugabo atari iryo jambo ryavuye muri Korowani. Muri Biririya y’ikinya Asiriya ijambo risigura agakiza ni furqan, rikaba riboneka muri korowani incuro nyinshi nk’ubutumwa bwogushimikirako.

2.06 -- Muhamedi n’itandukaniro hagati y’abayuda n’abakristo

Muhamedi yari azi impari zishushe hagati y’abayuda n’abakristo (Sura al-Baqara 2:113…). N’intambara mbere zari hagati y’abayuda n’ubwami bw’abakristo mu maj’epfo no mumaja ruguru ya Yemeni zari zimaze ibinjana bitari bike aho mbere uwunesheje uwundi yaca amucinyiza. Muhamedi yatahura ukwo gucanamwo ko ari Allah yagutumye, ngo bagwane hagati yabo muri Hedjaz, kugira Islamu ishobore gukwiragira mu bansi bayo, bamazwe inguvu no kugwana hagati yabo. Muhamedi yaboneka nk’uwurorera izo ngwano yitwengera mu bandi, munyuma aca abatera bompi.

Abayuda bahakanye Muhamedi nk’intumwa, bari bazi amakosa yiwe yo muri korowani bakamucokora kumugaragaro. Yabavumye incuro cumi (Sura al-Baqara 2:65-66; al-Ma'ida 5:60; al-Araf 7:163-166 …).Abita abansi bakuru ba Islamu (Sura al-Ma'ida 5:82). Yategeka imiryango y’abayuda b’abatunzi kwimuka, ikindi gihe, yabata mu mvuto canke akabarigita n’inkota.

2.07 -- Ishengero rya Orthodox – Ukubabazwa kw’igihe kirekire

Muntango abakristo mukigobe c’abarabu bafatwa kuba bagendeka ugereranije n’abandi bansi b’aba Islamu. (Sura al-Ma'ida 5:82). Ariko babandanije kuvuga ko Yesu ari Umwana w’Imana baciye bavumwa nk’abayuda (Sura al-Tawba 9 :29). Haheze imyaka mike nabo nyene baciye birukanwa mukigobe c’abarabu n’umusubirizi wa Muhamedi yitwa Omar Ibn al-Kattab.

Mugihe c’ukwamamara (632–732 A.D.) Aba Islamu batsinze ibisagara bikurubikuru vyose vyahoze ari ivy’abakristo : Yerusalemu, Alexandria na Antiyokiya. Baciye babandaniriza i Konstantinople, Efeso muri ca gihe c’igihuhuta ca kabiri c’ikwiragizwa rya Islamu. Abakristo benshi b’iburayi baravyibagiye, baravyirengagiza canke bakemerana kw’ibara ryaguye kuri kahise k’ishengero.

Ishengero rya Orthodox ryarahuye n’amageragezwa akatari gake. Baracinyizwa, bagahamwa canke bakagandagurwa n’aba Islamu mukiringo c’imyaka 1,370. Mughe ca Muhamedi abantu baba mu mareta yo muburaruko no muburengero bw’uburaruko bw’ikiyaga ca Mediterane hari abakristo b’aba Orthodox, ariko Islamu yazimanganije ibice 90% vyo muribo mukubarihisha amakori manini, Kubacinyiza, mukubasuzugura, no mikubinjiza idini rya Islamu. Amasigarira yangana n’ibice 10% nibo bagumije ukwizera kwabo bihanganira kunenwa! Aba Islamu bafata izo nkehwa zemeye gucinyizwa nk’uko ari imana zabo. Ntangorane bateza Islamu canke ngo bayigumureko. Kuva ubwo abo ba Islamu bafata ko abakristo ari abanyabwoba kandi bicishije Bugufi. Bashobora guherengetezwa akanya akariko kose.

Ugushimikira ku gusenga ubutatu mw’ishengero rya Orthodox n’uko basumbasumbana muntwaro vyatumye yinanata irabandanya kubaho. Mubihugu bitari ivy’aba Islamu bishikanye kubatware ariko bagumye bakugwa kubutegetsi bushingiye kw’idini akatari gake (Bizantine, Rusiya, Ubugiriki, I Serubiya…). Aba Islamu bategeka abasenyeri b’aba Orthodox n’abinyambukira ngo begeranye amakori munkehwa basigaranye babishire abarongozi babo b’aba Islamu. Mukubasubiriza munkoko babaha ubushobozi mu mashengero yabo no mumaparuwasi yabo. Amasigarira y’amashengero y’aba Orthodox bafise abanywanyi imiliyoni 250 uyu musi bagize 14% vy’abakristo bose bari kw’isi.

2.08 -- Islamu n’Abakatorika

Ishengero ry’aba Katorika, utaravye ivyo bitandukaniyeko, bafatwa n’aba Islamu batari bake kuba ishengero ry’intambara. Riboneka kuribo ko ari idini ry’igihangange ca politike kw’isi n’aho ubwami bw’abami bw’abaroma buhuye n’ihuhuta ry’ihinduka ry’uburayi rikabukuraho.

Abasoda b’aba Katorika ba Charles Martell batsinze aba Islamu mu ntambara yambere ku minara, hafi y’i Pari, mubufaransa (A.D. 732). Intambara za Katolika ‘’Crusades’’ zaciye zibamara ubushobozi na cane cane bamaze gutsinda Constantinople (A.D. 1204) kugera aho uwo mugwi wabangamiye Islamu ugwa mu minwe yayo mu mwaka wa 1453. Haheze imisi mike mu mwaka 1529 aba Turikiya bahagaze kumuryango w’i Vienna ubwambere. Bashwara Vienna ubugirakabiri mu mwaka wa 1683 aba Polish b’aba Katolika nibo bashoboye guhagarika aba Islamu bariko bategura gufata uburayi bwose.

Muri ico gihe, Abadoriya b’aba Roma bari baramaze kwirukana ibihumbi amajana n’amajana vy’abayuda n’aba Islamu muri Espanye no muburayi. Ishengero rya Katolika naryo kubera izo ntambara “Crusades” berekanye ububi bw’abakristo mu maso y’aba Islamu. Iciyumviro c’aba Islamu kw’idini rya Reta bihura n’ivyabansi babo b’aba Katolika bica bigabanya ukwiyagurira kwabo.

Kubera ko aba Islamu bibaza ko ibikorwa vyose vy’abajanabutmwa b’abakristo bitumbereye kugira reta y’abakristo. Bikeka ko bagomba gushitsa intumbero ya Katolika kuva habaye inama igira kabiri y’i vatikano yagomvye ko ishengero rya Katorika ryisubiza agateka ku madini yose yo kw’isi. Umuhamagaro wa Papa Yohana Paulo II wo kugiriranira imigenderanire hagati ya Islamu n’abakristo kw’isi yose vyateye amakenga kubera ko aba Islamu bibaza ko Katorika igomba mwibanga ntangere gutangura Ubwami bwa Kristo aha kw’isi. Ububasha bwa Papa, bwatumye naho biri uko ishengero rya Katolika ryiyunga mucivugo: ‘’Ubwami bwawe buze. Ivyo ugomba bibe kw’isi nk’uko biba mw’ijuru’’ bangana hafi icakabiri c’abakristo kw’isi bangana imiriyoni 950 z’abanywanyi.

2.09 -- Islamu n’amashengero y’abaporoti

Amashengero y’abaporoti yari “Anegura ayandi” yaigerageza guhindura ishengero Katorika. Bahisemwo Bibiriya idahinduwe murundi rurimi ko ariyo yoshimikigwako mu vyizerwa vyabo, bizera agakiza ku buntu gusa, atabikorwa bibisigura kandi bizera Kristo nk’Umuhuza, atari kuri Mariya nyina wiwe.

Amashengero y’abaporoti mu burayi mu kinjana cambere inyuma y’ihindagurika ry’ishengero, yari amashengero kama arongoregwa mu burere. Imihari y’ikanguro munyuma y’ ukutumvikana mu kwumira kuvyo bizera yatanguriye muri Amerika, i Burayi na Koreya. Inyigisho menyeshamana bagenderako zidakurikiranwa n’uburongozi bw’ishengero. Ivyo vyatumye abaporoti b’uruheyiheyi bagwa kubera uwo mwidegemvyo. Amashengero yigenga yababa imiriyoni 600 bangana n’icagatatu c’abakristo bose muri rusangi.

Abaporoti batanguye mu myaka amajana ane na mirongo itanu (450), baciye batangura ivugabutumwa mumahanga mu kinjana ca 18 na 19. Baciye batangura gusohora ibitabu hafi yo mu burengero baca bahindura Bibiriya mu ndimi z’aba Islamu. Banashobora kugwiza Bibiriya, Korowani, n’utundi dutabu dutoduto. Amashirahamwe n’amashuri vy’abaporoti babongereza inguvu mw’ivugabutumwa bisunze iryo jambo ry’Imana ryari ryamaze kuja mu mpapuro. Ivyo bikorwa vy’abaporoti vyakozeko cane abakristo b’aba Orthodox ivyo bikaba vyaciye bivyura ukutumvikana hagati y’uburongozi bw’iyo migwi yompi.

Aba Islamu babona ishengero ry’abaporoti nk’abakeba kuko benshi mubanywanyi babo bafata reta ya Israel kuba abatoranijwe n”Imana. Abajanabutumwa b’abapororti baca bafatwa nk’abadoriya canke abashigikira abantu bo mw’Isezerano rya Kera.

Aba Islamu bigenga babona abaporoti ugutandukanye. Umurongozi umwe wa Islamu yibajije:” Kuberiki abaporoti aribo batanguye gushika kukwezi?” aca ariyishura iki kibazo avuga ngo:” Aba Islamu ntitwiyumvira cane ivyo bigatuma tudashobora gukora ibikogwa vy’ubuhinga bujanye no mugihe ca none. Aba Katolika bama bihana ivyaha vyabo bakaba abantu bicishije bugufi mumitima yabo. Abakatorika bamye batura ivyaha vyabo kandi bafise ingeso zo kwicisha bugufi. Abaporoti nibo bananguje imwemu y’umwidegemvyo bagategwa intege yo kugerageza mbere n’ibidashoboka. ‘’Inguvu zose twogira muguhakana ivyo vyiyumviro vyiwe zoba zipfuye ubusa’’. Mbere tunihweje uko ubuhinga bugenda bwihuta mugutera imbere ntivyigeze bihindura iciyumviro ciwe. Afise ivyiyumviro vyiwe kubijanye n’inkomoko n’intumbero mu madini y’uwu musi.

2.10 -- Ibice mu mashengero no muri Islamu

Ayo mashengero uko ari atatu yigabuyemwo ayandi mashengero menshi. Amashengero yigenga, sinode canke amashirahamwe bafise mbere n’imyizerere yabo n’uburongozi bwabo barenga 22,000, iki gitigiri gituma twokihana namba twibuka isengesho rya Yesu ngo: “Kugira ngo bose babe umwe nkuko wewe, Data, uri muri jewe naje nkaba muri wewe ngo nabo abe ariko baba muri twebwe.” (Yohana 17:21-22)

Ikintu gihuza ayo mashengero yose ni ibintu bitatu ngendegwako vya Katikisimu: Isengesho rya data wa twese, Ndemeye, bo n’amabwiriza icumi. Mbere n’insiguro kuvy’ Isezerano Rishasha. Ukwaturira Imana, Data, Umwana na Mpwemu Yera bakabibona nko gusenga ibigigwamana no kurogota kuba Islamu. Ntibemera Imana mubutatu ariko bemera Allah, imwe rudende. Baranahakana ukubambwa kwa Kristo, ariyo mushinge y’ukwizera kwacu (Sura al-Nisa 4:157). Islamu yiyerekana kuba ubushobozi ruzira Kristo. (1 Yoh 2:22-24; 4:1-5). Ivyo vyiyumviro vyimbitse muba Islamu bose naho batavyerekana kumugaragaro. Imico yose y’aba Islamu yaramaze kwinjigwamwo n’iyinyifato y’ubuzirakristo.

Umuntu wese azi imigwi iri mu mashengero muburengero mbere no mu mahanga yose ntiyotangazwa no kwumva ko Islamu nayonyene yigabanganijemwo ibice vyinshi. Nkuko ishengero ry’igabanijemwo ibice ibihumbi n’ibihumbi, niko Islamu iboneka nk’amabara atandukanye ku kintu kimwe. Imigwi ibiri niyo yatanguranye n’intango ya Islamu.

2.11 -- Aba Sunni – Umugwi mukuru muri Islamu

Aba Sunni bibona ko aribo bazigamye Islamu y’ukuri kuko badakurikira Korowani yonyene ariko banagera ikirenge muca Muhamedi intumwa yabo (Sunna). Bamaze gukombora ukwinjirigwa kw’incabwenge (aba Mu’tazilite) bica bitera gufata ingendo inyuranye. Islamu yabaye iyishimangiye, idini ry’amategeko bisunze Sharia. Babikuye muri Korowani, Sunna, ivyiyumviro vyabo mbere no kuvyumvikanyweko ku mashure yabo uko ari atanu baciye bagira ico bise Sharia. Bateguye amategeko akora kuduce twose tw’ubuzima gusumba kure n’ibisanzwe bizwi mukwizera kwa Islamu. Abasunni bangana hafi mirongo umunani na kane kw’ijana 84% ugereranije n’aba Islamu bose. Bababa n’umuriyaridi w’abantu bakurikira Muhamedi, bakaba bangana n’abari mw’idini rya Katorika.

2.12 -- Aba Shiite – Akadumbidumbi kambere ka Islamu

Igihe Islamu yariko iriyubaka, Abakurikiye Ali “Umwana yari yatunzwe na Muhamedi akaba kandi yari n’ umwishwa wiwe yahavuye aba n’umukwe” Baciye bava ku mugwi w’aba Sunni mbere n’abahungu biwe uko ari babiri: Hassan na Hussein. Icatumye batandukana nticari gihagaze kuvyo bemera ariko kuburongozi n’ububasha bw’uko bazoza basubirizanya mu bwami bw’abami bwa Islamu. Abashite basaba ko Ali n’abahungu biwe aribo bosubirira Muhamedi muburongozi amaze guhwera. Ibi bisigura ko Islamu yibona ubwayo ko ubwambere ari Reta atari idini gusa. Abashite babandanya guhimbaza Ali n’abahungu biwe uko ari babiri, barabahimbaza hafi nk’ utumana bagaca mbere bagira n’urukurikirane gw’aba imamu babo – Indwi mu mugwi umwe, cumi na babiri muyindi – abo babemera ataco barinze kwibaza. Aba Ayatollah babo bavuga ko bagumye baronka amahishurwa kugera kumu imamu wanyuma. Abashite bari hagati ya 14% na 16% uharuye aba Islamu bose kwisi, bafise imiriyoni amajana abiri (200) z’abanywanyi.

Hambavu y’abashite hari iyindi migwi y’aba Islamu, utudumbidumbi, urutonde bagira, ikibano, amasezerano, n’imihari kandi bose ntibiteguye gusubira hamwe, ariko bakora ibishoboka vyose ngo bagume bigenga.

2.13 -- Igihuhuta ca gatatu c’ikwiragizwa rya Islamu

Inyuma y’ibihuhuta bibiri vyambere vya Islamu kumugabane w’uburayi vyabataye kuw’amazi. (A.D. 732 na 1683) kubera Igisoda ca Katorika, igihuhuta kigira gatatu catanguye 1973 inyuma y’iduzwa ry’igiciro c’ibitoro. Ibihugu vy’aba Islamu vyimbura igitoro bica biboneka nkibiteye imbere. Kubera ko ibice vy’amahera bungutse vyahabwa imigwi yariko iravuka izanye ivyiyumviro bishasha vy’ aba Islamu bintagondwa vyaca bihabwa uburyo. Hassan al-Banna, uwatanguje ubuvukane bw’aba Islamu ‘’Brotherhood’’ atangura kubisigura avuga ngo : ”Umu Islamu asenga, akisonzesha akanatanga amakori y’idini ntaba araba umu Islamu nyawe. Ni igihe honyene Sharia ariyo bwirizwa nshingiro y’aho abaye niho Islamu izoba ikwije vyose bisabwa.” Uwu mugwi wiwe waciye wigaburamwo imigwi mirongo itanu (50) yakwiragiye mubihugu vyinshi vy’aba Islamu. Bagerageza guhindura Islamu no gutuma ibihugu vyidegemvya bigenzugwa na Sharia.

Murico gihe aba Islamu b’intagondwa baciye batangura imyiyamamazo yo gukwiza Islamu mu migabane yose y’isi. Imisigiti bayikwiragiza hose nk’umusenyi. Abakristo bugwangara bagaca batumirira aba Islamu mu mico yabo no mu miryango yabo. Ntibashishoze ngo babone ko kuva isi iremwa ataho aba Islamu bigeze baba mubihugu bigwiriyemwo aba poroti nk’uno musi! Tuba hagati muntambara nyeranda kandi ntavyo tubona!

2.14 -- Mbega duhura n’aba Islamu bameze gute?

Aba Islamu ntibabaho canke ngo biyumvire kumwe. Umw’umwe arigenga. Uko wobashira mu migwi kwose wosanga wihenze canke bitabereye. Nta mugwi w’aba Islamu ubaho! Impano zitandukanye, imico, ubumenyi, mbere n’ukwemera vyuzuranye mu muntu wese. Woba wihenze uvuze uti” aba Islamu”. Umuntu wese agomba gutahura aba Islamu akeneye umwanya uhagije. Dutegerezwa kubaza umwe wese aho ava, ivyo yiyumvia, uko yiyumva kandi n’ikibazo afise. Inyishu yose itombojwe iba atakimazi ifise. Kugira tugire ubugenzi n’umu Islamu bidusaba ukwihangana kugira tumutahure. Ibi nabo nyene nivyo bakeneye. Ivyiyumviro wazanaye bitegerezwa kujana n’ukuri kw’ibintu. Umu Islamu ashobora kubona vyoroshe ko wamutahuye kandi ko twamwubashe ariko tutamuzibagiza, tukamwakira uko ameze. Ubutumwa bwiza bushobora gukora nk’ubushobozi bw’Imana iyo umwizero wabanje kubamwo. Amasengesho yo mwibanga afasha cane iyo muganira.

Hambavu y’uko buri mu Islamu ariwenyene, hariho imigwi imwimwe ishobora guhurigwako. Tugiye buhorobuhoro – Imbere y’uko tuvugana imigwi y’aba Islamu nukumenya ko hari ibibahuza.

2.14.1 -- Abinyamo, n’intagondwa b’aba islamu batinya Allah

Mu misozi no mu makaminuza, mu misigiti mbere no mu myuga itandukanye uzama usanga aba Islamu bipfuza kubaho bakurikije Korowani n’imigenzo yabo. Si benshi bazi icarabu canke korowani kumutwe yose canke igice kimwe mbere kuva mu bwana bwabo. Bamabara” Amambe ya korowani” uko niko batahura isi barimwo. Usivye imico ya Korowani n’uburongozi bwa sharia nta yindi mibereho yemewe kuribo. Abaraguza, ayandi madini mbere n’abasenga ibigigwamana babonwa nk’abanduye kandi bamaze kuvumwa na Allah. Infungugwa zemewe n’izizira nizo zerekana itandukaniro ry’isi yabarya ngurube n’abantu beranda. Kugura inyama itavugiweko bismilah imbere yo kuyibaga ni ikizira kuba Islamu b’inyamo. Nubwo biri uko iyo babuze uko bagira barabirya kandi si bibi kuribo.

Abantu basanzwe bahwekereye muri iryo didni ntibarekuriwe kwiyumvira canke kuvuga ibinyuranye na Islamu canke Korowani. Iyo utemeye umurongo n’umwe muri iyo, bituma inyubako yayo yose isenyuka. Kubwivyo bategerezwa gushigikira ukuri kw’ukwizera kwabo iyo hari umuntu uwariwe wese ayivuze uko batagomba. Korowani nibwo buzima bwabo. Ushobora honyene gusangira ubutumwa nabo ukoresheje amajambo yo muri Korowani, ukayaha insiguro yo mubutumwa bwiza.

Igitangaje, n’uko nabanyeshure bameze nk’abo usanga ari benshi. Iyo bavuye kumitumba iwabo baja mubisagara binini bakabona aba Islamu batitaho ivya Islamu, ivyaha bakora, bumva bamaramye kubera abantu babo bagaca bagomba gusubira kw’itsito ry’imico yabo ivyo bigatuma binjira caane muri Islamu gusumba uko bari mbameze ubwambere. Bagerageza kwerekana uko ubuzima bwabo bwategerezwa kuba bagaca bagomba gushigikira ubudahangagwa bwa korowani muburyo bwo kuba intagondwa.

Igihe abo bamaze kurangiza amashure bakaja muburongozi bagerageza guhindura abantu babo haba mu mutekano canke kunguvu bakoresheje uburyo bwose bashoboye. Si bake bo murabo baba biteguriye mbere no kwica abandi bita abidgenga canke kuja mumigwi yo gushira igihugu cabo kumurongo.

Igitigiri c’abo ba Islamu b’intagondwa si kimwe mu bihugu vyose. Usanga bari hagati ya 15% na 35%. Ariko iyo bagize amatora muvya politike usanga baronse gusa hagati ya 10% na 20% uharuriye kumajwi yose yabatoye. Aba Islamu benshi si intagondwa. Ariko Korowani ibategeka ko bashira mungiro sharia mubihugu vyabo ico vyobasaba cose!

2.14.2 -- Abigenga muri Islamu (Liberal)

Nkuko babivuga mu bihugu vyitwa ko vyiganziwemwo n’abakristo abenshi mu bihugu vy’aba Islamu ni Abigenga, bitonda mbere banikundira amahoro. Bakora batiziganya ngo bashobore kugaburira imiryango yabo. Ntibagomba ko babagora mubikogwa vyinshi vy’idini. Bipfuza kuronka frigo, Televiziyo nini, binashoboka imodokari canke ipikipiki. Kuri benshi muri abo ivy’idini biza ubwakabiri canke bikabafasha kugire bironkere uko bakora urudandazwa gwabo.

Mu buzima bwa misi yose, aba Islamu bigenga biyerekana nk’aberanda kubera kubwabo uwutabayeho mu mico ya Islamu ntashobora gusuma canke ngo adandaze igihe kirekire. Benshi bakoresha amajambo y’idini iyobariko barayaga, bahagararira Islamu mu gwinnshi mu migenzo yayo n’uko uburongozi bwayo bumeze. Iyo umwe wo mu uryango wabo yihanye agahindukira Yesu baca batsa umuriro. Kugira umuryango wiwe ugume ufise izina ryiza uwo muntu yihanye arankwa, agahamwa mbere bakanamwomora. Ntibigera bihanganira ikintu cose cotumwa izina rya Islamu ritukwa canke ngo isuzugurike. Ikirenzeko kenshi bishirako ya myotsi ibamotesha kugira bumvikane nk’aba Islamu. Mbere abagize uwo muryango baja mumasengesho rusangi canke bakanabikora kugira abantu babone nabo ko basenga. Basoma Korowani ngo bayirimbure gake kabaho. Gushigikira idini muri Islamu cabaye ikintu gikora buri mu Islamu wese. Bari hagati ya mirongo itanu 50% na kirongo indwi kw’ijana 70% y’abantu bose muri rusangi, bivanye n’akarere baherereyemwo canke igihugu babayemwo.

Rime na rimwe gukunda igihugu cabo no kuba aba Islamu hari igihe bihurira hamwe. Ididni rigaca rishigikira ivyo igihugu kigomba canke igihugu kigashigikira ivyo idini rigomba. Naho biri uko iyo igihugu kimaze gutera imbere muvy’ubutunzi ingeso zo gukunda ibintu zica zigaragara. Akazi, umukate n’umuryango vyitabwaho gusumba idini.

Aba Islamu bigenga bakunda amajambo y’ubuntu yo muri Korowani no mu migenzo. Kuzira kw’infungugwa, ibijanye n’intambara nyeranda, amategeko y’abakenyezi muri Korowani canke ibihano vyo kwicwa baravyirengagiza bavuga ko ayo mategeko yari akenewe ku bantu b’inyambukira bo mugihe ca Muhamedi. Mugihe ca none, aho turi mw’iterambere, ayo mategeko ntakiri kugihe. Abigenga bibereye nk’abafise Islamu yabo.

Ibihugu vyinshi vy’aba Islamu biriko birashika kuri ivyo bihe. Bararekera abarongozi b’idini bagakurikirana ibintu bimwebimwe vya Sharia. Ibiraba intambara nyeranda n’ ibijanye n’ibihano bikuru bukuru bikarabwa na Reta. Bagafyonderako bagereranije Sharia namategeko mpuzamakungu y’agateka kazina muntu, kandi bakiyamiriza intagondwa zo mu bihugu vyabo. Intambara z’abihevyi muri Egiputa canke Arijeriya nta kindi zigamije atari ngene boshira mungiro amategeko yose ya Sheriya. Ibi nivyo aba Islamu bigenga bashaka kugwanya ntibibe mugihugu cabo ku kiguzi cose vyobasaba.

2.14.3 -- Abakenyezi b’aba Islamu

Igice c’aba Islamu bose baba kw’isi ni abakenyezi! Ntitwiyumvire abagabo gusa iyo turiko tuvuga ivya Isllamu. Abakenyezi ni kirumara muri Islamu. Nibo bigisha abana mumiryango gusumba n’abagabo babo.
Ariko naho biri uko korowani ivuga ivyeruye iti :

Umugabo ntameze nk’umugore (Sura Al 'Imran 3 :36).

Iyi mvugo irafise imvo n’imvano muri Islamu. Korowani iravuga:
Umugabo asumba Umukenyezi nkuko Allah yagomvye ngo barutane. Uko niko biri (i.e. Abagabo) n’iyo bakoresha amahera yabo (Kugira baronke umugore nk’umugeni) (Sura al-Nisa 4:34).

Muri sentare icabona c‘umugabo umwe w’umu Islamu kingana n’ivyabona bibiri vy’abagore b’aba Islamu. (Sura al-Baqara 2:282). Mugutorana umukenyezi ahabwa igice c’umgabo canke umwana w’umughungu (Sura al-Nisa 4:11,176). Mumategeko umugore aharugwa nk’igice c’umugabo.

Umugabo arekuriwe kurongora kugera kubagore bane (Sura al-Nisa 4:3) iyo ashobora kubakunda co kimwe. Kubera benshi ubu batakironka vyinshi bokwiza abagore bane bose n’abana babo, bahitamwo kuzana umugore umwe gusa. Abagore b’umugabo umwe, bahura n’amarushwa menshi, ishari gusumba uko umuntu wese yovyibaza.

Mu muryango w’aba Islamu umugabo niwe aha indero umugore wiwe. Iyo agararije aca amumaramaza kumugaragaro. Iyo abandanije kutumvikana nawe ashobora kwanka kurangura amabanga y’abubatse nawe, iyo atisubiyeko afise uburenganzira bwo kumukubita gushitsa yisubiyeko gusa ntarekuriwe kuvuna amagufa yiwe (Sura al-Nisa 4:34).

Kubwa Korowani (nubwo bitari mu mategeko y’ibihugu nka Turkiya, Egiputa canke Tuniziya n’ayandi mareta y’aba Islamu.) umugabo ashobora kwahukana n’umugore wiwe igihe cose avyigombeye. Amaze kurindira ikiringo c’amezi atatu canke ane ashobora kumucura. Akamwirukana agasubira akanatwarana nawe kandi. Amaze kwahukana anwe ubugira gatatu ashobora kurongogwa n’uwundi mugabo. Iyo n’uwu mugabo yahukanye nawe wawundi wambere ashobora kumusubirana kandi (Sura al-Baqara 2:229-230). Amagogwa y’urutavanako yabakenyezi mu bihugu vy’aba Islamu birababaje birengeye uko umuntu wese yovyibaza. Ninde afise umuhamagaro wo kuvugana n’aba Islamu b’abakenyezi no gutwara ubutumwa bwiza bw’umwidegemvyo wo mu buryo bw’impwemu bifatiye mu kwihanganirana no guharirana n’ingabire ya Mpwemu Yera.

Abagabo b’abakristo ntibemerewe kuvugana n’abakenyezi b’aba Islamu bari bonyene, kiretse gusa barikumwe n’abakenyezi babo. Aha rero, abakenyezi b’abakristo bategerezwa gufata muminwe iki gikogwa gisa n’ikidakogwa ngo bavugane n’abakenyezi n’abigeme bagenzi babo bakababwira ivyo babonye mu mucunguzi wabo. Abakeneyezi b’aba Islamu nibo barera abana babo. Kubera ivyo kubwira ubutumwa abakenyezi, na cane cane abavyeyi, bifise ikimazi kidasanzwe kandi bikenewe vyihuta. Ibiganiro vy’abakenyezi kuri televisiyo n’ibitabu vyo kubwira ubutumwa abakenyezi birakenewe navyo vyihuta. Murunganwe ruheruka abakenyezi n’abigeme bangana ibice mirongo ibiri na bitanu nibo bashobora kwiga amashure! Uyu musi abakeneyezi biga bari hagati ya mirongo ine na mirongo irindwi% y’abantu bose. Ninde muri mwebwe azi ibi akabona hari ico yobikorako?

Abakeneyzi muri Islamu hari igihe usanga aribo baboneka nk’aberanda gusumba abagabo. Bavuga ko Muhamedi yoba ayaravuze ko mirongo icenda kwijana 90% y’abakenyezi yababonye bari mumuriro. Kubera batubaha abgabo babo. Aranavuga ko yoba yarabonye paradizo abona abangana ibice cumi kw’ijana 10% ari abakenyezi ivyo vyerekana ko hari abagore bake bubaha Allah kandi bakanubaha abagabo babo. Ukwo kwinuba abakenyezi vyabasunikiye kwitondera amabwirizwa gusumba abagabo babo kugira bashobore guhiganirwa ivyo bibanza bike biboneka vyabo muri paradizo.

Ninde azokwerekana impuhwe ziwe kuri aba bakenyezi b’aba Islamu kugira ngo abafashe kuva muri uwu mubabaro bagirira aha kwisi mbere ukanazobandanya gushika ibie bitazoshira?

2.14.4 -- Imiyabaga y’aba Islamu

Igice c’aba Islamu bose bari kw’isi bari musi y’imyaka icumi n’umunani. Mubihugu bimwe bimwe vy’aba Islamu uyu murongo utaboneka hari aho usanga uri ku myaka icumi n’itandatu 16. Umuntu wese afise uburambe muvyo kubwira ubutumwa ugwaruka yategerezwa gutangazwa n’uku kuri! Abana, Imiyabaga, n’abana bisumbuye bakeneye inyigisho zitandukanye nizihabwa abakuze. Ibi biharuro bisaba gusubira kwiyumvira no gusubiramwo uko dukora mu buryo bwo kujana ubutumwa aho butarashika mbere n’ingene barondera ababasengera.

Ugwaruka kw’isi yose barakunda urukino gw’umupira w’amaguru namahiganwa atandukanye. Umuntu wese yatembereye mu bihugu vy’abarabu azobazwa abantu nka Beckenbauer, Rummenigge na Schumacher. Becker na Graf naya mazina azwi cane mugwaruka gwinshi gw’aba Islamu.

Ugwaruka gw’aba Islamu ruriga ingene rushobora gusoma no kwandika. Bica bituma barondera ibintu vyobagirira akamaro babisomye. Bashonje ubumenyi. Bagomba kwiga ibintu vyose. Bizera ivya siyansi kandi bakibaza ko boshobora kugwanya amahanga bakoresheja amanota meza bazoba baronse. Mukubaha ivyanditwe vyera kumpapuro, ibitabu n’ibinyamakuru bivuga ivy’ugwaruka, inyigisho z,’ivya Bibiriya kubuhinga ngurukanabumenyi bigategugwa vyihuta! Kugira ibihumbi n’ibihumbi vy’ugwaruka bashobore kubikurikirana mukanya gato Caane.

Imikuku ikiri mito ntibaronderana ishaka uguharigwa ivyaha. Nibigera biyumvira ivyi kwihana n’ukwizera. Bagomba kumenya ibintu vyose kuri: Yesu, Pawulo na Yohana bakabona ko bobamenya nka Marx, Lenin na Mao. Ukwo kurondera ubumenyi ni nk’umuryango wuguruwe utuma ubutumwa bwiza butangwa atangorane nyinshi zihabaye. Benshi muri abo bariko barondera ubwo bumenyi bakogwako bakanahindugwa n’urukundo gwa Yesu, mubugwaneza n’ukwicisha bugufi kwiwe n’amahoro atanga.

Abanyeshure bo mu mashure yisumbuye na za kaminuza bongerekana mugutunga ivyuma nyabwonko bakaronka imihora haba aho banywera icayi canke mumazu y’abagenzi babo. Benshi ntibemeranye n’imigwi iyi canke iriya y’aba Islamu bakanabiharirako. Ariko uwariwe wese atanze iciwa c’akamaro mucy’impwemu ku bakiri bato akabona ibihumbi n’ibihumbi vyiyandikisha mu kanya gato cane mbere ugasanga bamwe bamwe bava muri biriya bihugu vyugaye. Ugasanga hariho ibibazo vy’ingirakamaro mukwiyumvira kuri Islamu mbere n’ibibazo vyerekana ugutahura.

Ibitangaje n’uko indirimbo nziza z’abakristo zifise umudiho kama nazo zofasha. Ya migwi y’abaririmvyi iruhisha mundirimbo zifise imidiho icanze n’iy’abisi ntizikwega aba Islamu cane ngo bazigeko. Ahantu hose ubutumwa bwiza butanzwe ziyoroheje mu majwi yose Abatamenyereye inyigisho za Bibiriya bagatangura kuziga mundirimbo nshasha. Bakubaha umuremyi n’ugucira imanza amahanga ntibizira mukarere k’aba Islamu banka ivy’iki gihe ca none.

Ntaho vyari bwigere biba ko abantu benshi bahagurukira kubwira ubutumwa aba Islamu nk’uyu musi. Kuko igice c’ugwaruka gw’aba Islamu bariko biga gusoma, kwandika no kwiyumvira abandi ugasanga bahiga abobabera akarorero munkino no mubuhinga. Umukobwa w’inyambukira w’ i Hadramaut, yaba kunkengera y’ubugaragwa bunini bw’I Rub al-Khali, bamubajije indirimbo akunda kuruta izindi aca avuga ngo ni iza ABBA wo mubusuwede.”

2.14.5 -- Aba Islamu batuntuye

Urunganwe gw’uyu musi gw’aba Islamu rwiga kwiyumvira, batanguye kubaza imigenzo n’intumbero vy’idini ryabo. Integenke za Islamu ntiziba zikiri ibinyegezwa kuri bo. Aba Islamu bamwe bamwe bavyura ishavu mukubaza,” kuki igitigiri cagutse c’aba Islamu imiriyoni 250 batashoboye gutsinda imiriyoni zitanu z’aba Isilayeli mu myaka mirongo itanu iheze? Hari ikibazo. Turafise ingorane !”

Abandi bavuga,” ijambo Islamu rifise insiguro. Imwe murizo niyi: gutanga amahoro! Kubera iki igice cose c’intambara kw’isi zihura n’ibibazo bijanye n’ibihugu vy’aba Islamu? Kubera iki tuzana iterabwoba, intambara mubanyagihugu, gusesa amaraso ariko ntidutange amahoro n’ iterambere.

Bamwe bavuga,’’ ibihugu vy’aba Islamu bitanga ibitoro nivyo bitunze kw’isi! Ariko ibisumba icumi kw’isi biri musi y’umurongo w’ubukene. Kubera iki ibihugu vy’aba Islamu bitunze bidafasha ibihugu vy’aba Islamu muvyo bakenye? Namba babafasha na bukebuke, kubera iki igice c’abafashwa carangiye reta itaco ifashije, mugihe bataronse ivyo bari bakeneye?’’

Mubuhinde umunyonzi w’imodoka w’umu Islamu yatwarira igitoro umutunzi wo muri Arabiya Saudite yamubajijwe yashoboye kuba umu Islamu nyawe imyaka cumi numwe akorera idini mubibanza bibiri vyeranda. Uwo mu Islamu w’umunyonzi w’imodoka yavuye mubuhindi arabakankamira, “hora! Sinshaka kwumva ikintu nakimwe kubijanye na Islamu! sinkeye kugira ikindi dukorana nayo. Iyaba waruzi ivyo bavuga, ivyo banwa, n’ivyo bakora ari bonyene ntiwovyemera.” Igihe yamubaza ingaruka izova murubu bumenyi yaciye amwishura, “nziga kominisita n’ivyizerwa rukristo hama mpitemwo kimwe mur’ivyo kizomfasha mubuzima. Ico kimwe nzogikurikira.”

Umuntu yize Kaminuza ya Islamu ya Al-Azhar riri ikayiro yashaka kuvuga neza icarabu mumiryango ya Arabiya Sawudite. Yigisha inyandiko za Islamu muri kaminuza y’I riyadi Raid. Abanyeshure banshi banyuranije nawe kuberako yigisha ivyiyumviro vyo mugihe ca none, kandi aho kwambara amakanzu yambara ipantalo nk’abanyaburayi. Igihe abadahuje nawe babaye benshi baciye batangura gutera utubuye ariko arigisha, aca araraka, yiruka asohoka mw’ishure yiruha mucumba c’umugenzi wiwe w’umwigisha aca atora korowani yiwe atangura kuyisubiramwo kugira yihumurize. Ubwo nyene aca arahagarara aca aratura: “Muri aka kanya mbonye ko iki gitabu arico cazibiye ivyiyumviro vy’aba Islamu bituma bataciyumvira”. Aca atora korowani aca ayitabura ashavuye ayijana mukigo agomba kuyiturira.

Abarimu bamwe bumvise yugara inzugi asubiramwo n’ijwi rirenga imirongo ya korowani, banyarukira inyuma yiwe kugira bamwirure. Ariko bose bahagarara mugacerere batangariye umwotsi wa korowani. Uwariwe wese yarazi koi bi bituma uwakikoze aturigwa. Ntanumwe yavuze ijambo narimwe. Umwigisha ubwenge buragaruka, yiruka mucumba, atora amahera yiwe n’urupapuro gw’inzira, aca ahamagara taxi, yiruka kukibuga c’indege kugira ahunge uwo mutego wari kumuhitana.

Abo bagabo ntaco bari bahuriyeko n’aba kristo. babonye integenke n’ugusigara inyuma muvyiyumviro kw’ibihugu vyabo. Bagerageza guhunga ibohero impwemu zabo ziboheyemwo. Abanyeshure biga ivy’ubuganga, abamikazi, abashehe, naba Islamu basanzwe berekanye ibihushane biri muri korowani baca barondera badahumeka inyishu y’ubuzima bwabo. Dukwiye gusenga kugira turonke aba Islamu batuntuye imbere yuko bisanga mumigwi y’utudumbidumbi. Hafi ibice bitanu kw’ijana ntibashimishwa n’idini ryabo kandi bamara igihe kirekire barondera uwo bamurikira.

2.14.6 -- Abahakanyi muri Islamu

Muri programa y’imboneshakure, umumenyekana muvy’amareresi yabajijwe idini arimwo. Aca arishura: “Mw’idini ryiza cane kw’isi, Islamu!” (Suras Al 'Imran 3:19,110; al-Fath 48:28; al-Saff 61:9; ...).

Yongera abazwa ko yemera yuko Allah abaho aca arishura “Oya!” ati ntibishoboka! Ukwo kwizera ni ukw’abantu bashaje bari kumpfiro n’abana bato, twebwe turi murunganwe ruri ku bikorwa!” Wa mumenyeshamakuru atangaye, abandanya kumubaza ico yokora igihe Islamu yoba itewe. Wa mumenyekana muvy’amareresi aramwishura ubwo nyene, “Noba uwambere gufata inkoho nkagwanira Islamu!” Yaguma yibaza ko ari umu Islamu naho atizera ko Allah abaho, kanndi ntaje no gusenga! Islamu si idini gusa, ariko imico, Reta n’ikibano.

Mu cigwa c’imigenderanire hagati ya Islamu n’ubukristo, umuyabaga w’umuturikiya yanyuranije n’umwigisha: Ati Islamu irabereye, ni nziza, ni iy’ubuntu mbere iteye imbere gusumba ivyo numva vyose munyigisho. Wamu Turukiya ahagaze imbere asigure ivyo ariko aravuga kuri mikoro imbere y’abamwumviriza, avuga n’ibigumbagumba kugira asigure neza ivyo yavuze. Umwigisha aca amenya kahise kiwe, amuciramwo aramubaza, “Ati mubuzima bwawe uramaze kuzingurura Korowani? “Oya” Ati wamu Turukiya abivuga atangaye abajijwe incuro aja mu musigiti gusenga, avuga ko atarigera ajayo na rimwe! Ariko yemangira idini ryiwe. Islamu irengeye Korowani n’amasengesho. Yabaye umwe muba Islamu bicogihe yataye ukwizera mugabo akabandanya ashigikira Islamu atanatahura ubwiwe.

Umuganga w’abakenyezi w’I Bengal yahamagariwe guhinyanyura Korrowani ku gace karaba abakenyezi n’ibibi bakorera imiyabaga y’abakobwa kuvyo kwubakana. Yaciye ahungira muri Suwede kubera aba Islamu b’abagabo bamugiriye ishari kubijanye n’agateka kabo kandi no kubera yahagaze abaza ibazo bigumye kuri Korowani. Uyu muganga aracibona nk’umu Islamu, naho biri uko yarataye ukwizera mu guhishurirwa n’Imana bivanye nivyo yabonye mu migirwa.

Umu Islamu w’umunyapolitike yari arangije kaminuzayabaye hanze igihe kirekire usanga anebagura Islamu. Abaho atabuzima afise kandi aba yarataye ukwizera Allah ataco arinze kubaza. Kubw’imiryango yabo, baraja gusenga iyo bagarutse muhira aho bavukiye. Baranisonzesha mu kwezi kwa Ramazani mbere bagatanga n’amakori yabo kumugaragaro. Mu mitima yabo, bitandukanije n’itegeko rya Islamu bakarondera ubundi buryo bwo kubaho mw’ibi bihe vy’ibigwanisho. Babandanya guhakana ubu Islamu bw’inyamo bavyerekanye mu guhura bipfuza kuba abahinga badasanzwe n’abantu bazwi guhera mu buseruko gushika mu burengero, kuko bazi ko benshi muri abo bamenyekana batari aba Islamu ariko baba mu buzima bwiza.

Igitigiri c’abahakanyi muri Islamu si kinini, ni nk’umwe kw’ijana, ariko bakaba benshi aho igikominista cashinze imizi. Barashobora kumenyekana, nk’abanonosoye ivy’ikibano muri Turikiya bihakana ivyandikwa mu bitabu kuri Muhamedi na Islamu yiwe.

2.14.7 -- Ubupfumu muri Islamu

Aba Islamu mu mitima yabo biyumva nk’abari hagati y’intagondwa n’abahakanyi binyegeje. Ivyo bizana ukutabumbwa, ugucanganikirwa, umubabaro no kurondera intamwe y’ibindi vyizerwa nyavyo. Ivyo bibonekera mu bupfumu buri muri Islamu (Bamwe bavyita ubusufi muba Tariqas) binyuranganya mu mategeko atumvikana y’abarongozi n’abacamanza b’aba Islamu. Abo barondera ukuri muvy’amadini, bitandukanije n’abandi muvy’imigirwa yo mu misigiti n’amategeko yo kwunamanga vyiyongeranya mu gusambura imitima yabo biciye mu migirwa y’amasengesho. Nta kintu na kimwe babona gihimbara imitima canke impwemu vyabo. Bitandukanya na Islamu izwi, bakishira hamwe kugira bagerageze kwiyumvanamwo nk’irindi dini no kuba abizigirwa babaeranda kuri Korowani no muzindi nyandiko z’aba Islamu.

Ushobora gusanga abasufi n’aba Tariqas batandukanye muri Maroke, Sudani, Turikiya no muri Pakisitani. No mu Bushinwa na Indoneziya Islamu yigabuye mw’abaraguza n’abataraguza. Muri Maroke, umuntu ashobora kubona imva zera z’ababandwa ku misozi uri mw’ibarabara rikuru. Abakenyezi b’ingumba bazikubita imbere kugira bashobore kuronka ibibondo. Muri Sudani, ababikora barasimba bakikumbagaza mw’ivu kugira berekane ko bafise ishaka kuvy’impwemu na Allah.

Muri Egiputa, abasufi rimwe na rimwe bicara mu mizingi basubiramwo izina Allah canke ibindi bimuranga nka : « Huwa, huwa, huwa… » (Bisigura mu carabu ; We, We, We…). Babisubiramwo incuro nyinshi zidaharurika gushika aho bamwe bikubita hasi bagatangura kuvuga indimi zitamenyekana. Muri Turikiya, umunyeshure wo muri iyo migwi yaravyihweje, (ati turongorerwa mu guhumagara impwemu mbi ngo zihejeje kudukorera duce tuzirukana) Umukobwa umwe yatuye avuga ko shetani amugendera buri wa gatanu, abagenzi bakomeza kumubwira ko ari indoto, abasigurira ko igihe yari agwaye aremvye akiri umwana yuko se wiwe yamutwaye kumu sufi w’umushehe amukiza akoresheje impwemu mbi, kuva ico gihe izo mpwemu mbi zamye zimugendera.

Muri pakisitane, umugwi wariko urihweza ibintu hamwe, umwe muribo amaze kuba umukristo, se wawa mukristo mushasha aca azana umurongozi w’umusigiti ngo asubire amwinzize Islamu. Ariko atanguye kwagiriza wa muhakanyi ivy’ubusambanyi, se aca asohora wa mwigisha wa Korowani hanze kuko yumva ko ivyo bidashoboka mu muryango wiwe.
Muri Indoneziye, umuhindu n’impwemu mbi ziwe nyinshi abicanganije n’ivya Islamu muri ubwo buryo bari mu misi mikuru yo mukibano yarekura impwemu mbio zikagwana abantu babona, akamira umusumari, n’itara vyose bikamunyikiramwo. Ijwi ry’umugabo rikumvikana mu mugore, canke iry’umugore mury’umugabo.

Aba sufi bagerageza kugira Allah ngo abe muribo, abuzuze n’ubuntu bwiwe. Abandi bagerageje kwinjira muri Allah ubwiwe mu kurimbura kwabo. Igice ca gatatu cipfuza kwinjira mw’isi y’abamarayika biciyewo Allah. Baraboshwe n’impwemu mbi zabionjiyemwo.

Kubera ko Allah muri Islamu ari kure cane y’ivyaremwe vyiwe, ntawotangara umu Islamu ariko aragerageza kwubaka ikiraro mu kugira imyimenyerezo y’idini. N’ukuri impwemu ruzira Kristo niyo ibaganza. Ubu sufi muri Islamu buguma bwiyongera, mu bihugu bimwe bimwe bamaze kugera kubica hagati ya cumi kwijana ugereranije uko bigabanganije mu migwi itandukanye.

Abahinga muvyimenyeshamana ba Katorika, bavuga ko ubusufi bwari kutubera akarorero hagati y’abakristo n’aba Islamu. Ariko birengagiza ko ivyo vyizerwa vy’ubupfumu bizigira ko ari ubweranda bw’idinin, bigatuma babona ko badakwiye no kwihana. Hari uruhome rubazibira kubona Umwana w’Imana yabambwe. Ukwigira aberanda kwabo kwabatandukanije n’agakiza k’Imana twarin twarahawe twempi.

2.14.8 -- Abacunguzi muri Islamu

Aba Sufi bashobora gufatwa nk’inuma ziri hagati muba Islamu b’inkazi. Aba Islamu bo mu migwi y’iterabwoba bashobora kwitwa ingwanyi hagati muribo. Bidodomba bavuga bati:” Gusenga, kwisonzesha, gutanga ikori vyose nta ciza kirimwo. Dutegerezwa kugira ivyo twikorera ubwacu. Dukwiriye gutanga ubuzima n’amaraso vyacu kugira dukure ibitetegwa muri Islamu, akarenganyo n’ihohoterwa vyo mu kibano c’aba Islamu!”

Hassan al-Banna, yatanguje umuhari witwa ‘’Brothehood’’ yigishije ko amasengesho n’ukwisonzesha bidahagije kugira ube umu Islamu abushitse. Yashimangiye avuga ko umu Islamu w’ukuri yari akwiriye gutsinda ubwoba gushika ashitse kurugero rwo kwica abansi ba Islamu. Amategeko ijana muri Korowani ahamagarira aba Islamu kuja mu ntambara nk’ikimenyetso c’ukwizera kwabo.

Abavukanyi b’aba Islamu bahamwa kenshi n’intwaro ya Egiputa baciye bigabura mu mingwi y’iterabwoba irenga 50. Ayatollah Khomeini kuruhande rw’aba Shite niwe yafashe iyambere mu kuja mu ntambara nyeranda (Jihad) aca arungika n’abagwanyi biwe mu bihugu bitandukanye ari nk’abicanyi bakora nko muri ca gihe c’abagwanyi mu ntambara z’amadini kw’isi.

Hisbollah, Hamaas, al-Djihad n’iyindi migwi bigishije ababakurikira kuja mu bitero vy’ubwihevyi. Korowani yerekana ko Allah ubwiwe yari kwandika ukwizera mu mitima y’aba Islamu, akabatera intege muri ico gikorwa bafashijwe n’impwemu ivuye kuriwe (Surat al-Mujadila 58 :22). Uwu niwo murongo wonyene gusa muri Korowani werekana imigenderanire y’aba Islamu n’impwemu iva kuri Allah ! Abapfiriye mu ntambara nyeranda basezeraniwe kuba mukibanza gikayangana muri Paradizo (Sura al-Baqara 2 :154 ; Al 'Imran 3:157-158,161-171,193-195; al-Nisa 4:74; Muhammad 47:4-6; …). Koba ari akarenganyo kubita ko ari abacunguzi ngo n’uko bapfiriye mu gikorwa c’ubwiyahuzi kubw’intsinzi ya Islamu. Babwirwa ko ataribo bica abansi ba Islamu ahubwo ko bicwa na Allah. Arasa mu gishingo cabo kugira akureho abahakanyi bose ba Islamu (Sura al-Anfal 8:17).

Abamenyeshamakuru bamwe bamwe n’abashigikiye agateka ka zinamuntu bita abo bantu umugwi muto w’abazimiriye b’indenzarugero muri Islamu. Barihenda! Kuko aba bacunguzi nibo bonyene bakurikiza Korowani bakagendera ku mategeko yose ya Allah ku kiguzi cose bibasavye (Sura al-Baqara 2:191-193; al-Anfal 8:39; al-Tawba 9:11 ;). Abajejwe agateka ka zina muntu n’aba Islamu bitonda Korowani ibita abanyabwoba. Kubana amahoro n’abatari aba Islamu birabashavuza kiretse babaye abadafise amahera akwiye, ibigwanisho canke ibihe atako bobigira.

Ivyashitse mu myaka 50 iheze impande ya Israyeli atari intambara nyeranda y’aba Islamu ni vyinshi cane. Indege, amabombe mu buraro n’ububiko bw’amazi vyasambuwe n’ibikorwa vy’abihevyi n’ubugizi bwa nabi mu ntambara nivyo biranga uwo mugwi.

Igihe ingenzi zo mubu Suwise zicwa zigakurwa mu bandi, abagore babo bagashurashuzwa impande y’imva z’abami i Lugizoro (Luxor), hari abacunguzi basemerera bavuga bati:” Allahu akbar!” (Allah arahambaye!). Urwamo nk’urwo rwarumvikanye kandi muri Indoneziya aho abantu benshi birara mu mashengero bakayaturira ndetse bagashurashuza n’abigeme b’abashinwa. Mw’izinga ry’i Mindanao muri Filipine, abakristo barenga 50,000 barishwe mu gihe c’intambaro zo kwikurako abacunguzi b’aba Islamu mu ntambara ya kabiri y’isi yose. Igitigiri nk’ico nyene canke kirenga carishwe mu buraruko bwa Nijeriya kuko abakristo batigeze bashaka kwemera itegeko rya Islamu, Shari’a.

Muri Repuburika Federare y’Ubudagi, aba Islamu kama 32,000 baronse ubuhungiro kubera benshi muribo bakenerwa n’intwaro y’aba Islamu bigenga. Bagenzurwa n’abanyabwenge b’abadagi. Ubwicanyi nk’ubwashitse mu gihe c’inkino za Olympike mu mwaka 1972 i Munich bakorwa umwanya wose. Muri Korowani, Allah atuma abamwizera vy’ukuri mu kategeka kugwana no kwica abansi ba Islamu (Sura al-Baqara 2:191-193; al-Nisa 4:89,91; al-Anfal 8:39; al-Tawba 9:5 …). Abayuda n’abakristo ni abo kwicwa hisunzwe Sura yitiriwe ukwihana (Sura al-Tawba 9:28-29), kuko batizera Imana y’ukuri, badakurikiza Shari’a kandi bakaba bari bw’idini ritariryo! Kubwa Korowani, Islamu ni impwemu yo kurandura.

2.15 -- Inkuru ndende muri make

Uwo wese ashaka gushikiriza aba Islamu ubutumwa bwiza bwa Kristo akwiye kumenya ko aba Islamu batizera canke ngo biyumvire kumwe! Uwushaka kubabwira ubutumwa ategerezwa ubwa mbere kwumviriza, akabaza aho bava n’ico bibaza kuri politike, idini n’akazoza kabo.

Uwutaronse ubwenge muri ivyo biganiro akwiye gusaba Kristo kugira amurongorere kuba Islamu imitima yaba yamaze gutegurwa na Mpwemu w’Imana. Ubwizigirwa mu rukundo niyo mvugo nziza abaremwe bose batahura. Uwufasha bakavantara kwihanganira ingorane zabo kubw’ububasha niwe azobashoboza kandi mu kwubaha no gutahura abakristo.

Ntidukwiriye gutinya impwemu ya Islamu, kuko umuhezagiro wa Yesu Kristo usumba imivumo ya Muhamedi. “Kuk’Uri muri mwebwe, aruta uri mu b’isi.” (1 Yohana 4:4) Ntidukwiriye kandi kujuragirika mu kuganira n’aba Islamu ariko dukwiriye kwitegura natwe ubwacu. Amashirahamwe menshi ariteguye gufasha mu kwigisha, gutanga ibitabu muma minisiteri yose yipfuza ico gikorwa.

Ushobora kuronka inyishu zigufasha ku migwi itari imwe y’aba Islamu mw’Isezerano rya Kera, mw’Isezerano Rishasha, mu bikomoka mu mico n’imigenzo, muri Korowani canke no muvyo wabonye ubwawe. Umwami Yesu ashobora kukwugururira umuryango w’umutima w’umu Islamu kandi akaguha inyishu ibereye k’umuntu nyawwe mu mwanya nyawo biciye mukurongorwa na Mpwemu Yera.

2.16 -- Utubazo

Mwenenedata Musomyi!

Nimba wize neza aka gatabu, urashobora kwishura ibibazo vyoroshe ibibazo bikurikira. Umuntu wese yishura neza 90 kw’ijana y’ibibazo vyose muri ubu butabo umunani vyo muri uru rukurikirane, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo rw’ikigo cacu.

Inyigisho Zisumbuye
Munzira zifasha mukugiranira ibiyago n’aba Islamu Kuvyerekeye Yesu Kristo

nk’ibigutera intege mubikorwa vya kazoza kuri kristo.

  1. Ni ayahe madini makuru makuru 3 yatumye Islamu ikura ?
  2. Imigenderanire hagati y’abayuda n’abakristo yari imeze gute mu kigobe c’abarabu cane cane i Yemeni ?
  3. Ijambo “Abantu bahawe igitabu" muri Korowani risigura iki kuri Muhamedi ?
  4. Ninde Muhamedi afata ko yari umu Islamu wa mbere ?
  5. Kuki Muhamedi yafatiye akarorero kuri Mose, ntafatire kuri Yesu Umwana wa Mariya ?
  6. Kuki Muhamedi yavuze ko Abayuda ari abansi bakomeyi ba Islamu? Yabanesheje gute?
  7. Ni irihe mu mashengero mpuzamakungu 3 Islamu yisunze mugutangura?
  8. Mbega ishengero Orthodox ryerekanye iyihe shusho mu mitwe y’aba Islamu? Kuki ryitwa “Ishengero ryababajwe mu myaka 1370"?
  9. Kuki aba Islamu benshi bafata Katolika nk’ishengero ry’intambara? Ni gute wosigura ibi ufatiye kuvyashitse muri kahise?
  10. Kuki amashengero y’abaporoti atateje ingorane mw’itangura rya Islamu? Kuki aba Islamu barabana amakenga menshi ivugabutumwa ry’abakristo?
  11. Mbega hoba hari amashengero rukristo angahe kw’isi yose kino gihe kandi yose ahuriye kubiki?
  12. N’ibiki bitandukanya abakristo bose n’aba Islamu?
  13. Mbega aba Sunni ni abaki kandi irimwo aba Islamu bangana gute?
  14. Mbega aba Shite nabaki kandi abakurikira inyigisho zabo bangana gute?
  15. Igihuhusi ca gatatu c’ikwiragira rya Islamu catanguye ryari? Ni igiki cagihaye inguvu? Muyihe ntumbero?
  16. Kuki aba Islamu bose atari bamwe? Ni gute twotahura bimwe muvyo biyumvamwo; biyumvira; biyumvira; bizera canke bakora?
  17. N’izihe nyifato nyamukuru z’aba Islamu kama n’intagondwa kandi n’ikihe kibanza c’aba Islamu bose bangendera ku ngingo zayo ?
  18. Ni gute twoshikira aba Islamu b’intagondwa?
  19. Mbega aba Islamu bigenga bangana gute? Ubuzima bwabo babubaho gute?
  20. Kuki hariho ingorane zikomeye n’intambara hagati y’imigwi y’aba Islamu b’intagondwa n’intwaro y’aba Islamu bigenga?
  21. Mbega abakozi ba Kristo bokora iki iyo icakabiri c’aba Islamu bose ari abakenyezi? Ninde yoshobora kubashikira?
  22. Ni izihe ngorane nyamukuru abakenyezi bahura nazo muri Islamu?
  23. Ni izihe ntambamyi umukozi wa Kristo ashobora guhura nazo asanze icakabiri c’aba Islamu bose ari abari munsi y’imyaka 18 mbere n’abari munsi y’imyaka 16 mu bihugu bimwe bimwe vy’aba Islamu?
  24. Ni gute twoshikira abana bato n’imiyabaga b’aba Islamu?
  25. Mbega bishakagusigura iki ngo ibice 5 kw’ijana vy’aba islamu bose bababazwawa na Islamu yabo? Ni ibiki bituma habaho iryo babazwa? Twobabona gute?
  26. Kuki umuntu ashobora kuba umuhakanyi ariko akabandanya kwitwa umu Islamu? Mbega Islamu yoba irengeye idini?
  27. N’ibiki bituma ibice 10 kugera 20 kw’ijana vy’aba Islamu baja muvy’ubupfumu? Ni gute batandukanye n’abandi ba Islamu? Bagerageza gushiraho ibiki?
  28.  N’ibihe bintu vyiza canke inyungu z’ubupfumu muri Islamu? N’iki kibazibira ngo ntibemere Kristo nk’Umucunguzi wabo?
  29. Kuki aba Islamu bo mu migwi y’iterabwoba biyita ubwabo “abacunguzi”? Ni gute bavuga ko aribo ba Islamu bonyene b’ukuri?
  30. Mbega abo bitwa “abacunguzi” bitega iki iyo bitanze bagapfira mu ngwano zo gusahura canke mu bitero?
  31.  Mbega intumbero nyamukuru y’aka gatabu ni iyihe?
  32. Kuki tudakwiye gutinya gushikira aba Islamu?

Umuntu wese yishuye ibi bibazo ararekuriwe gukoresha ikindi gitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu munyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagutuma, akagukomeza, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwawe kwose!

Abo musangiye umurimo,

Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:

info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 14, 2022, at 01:23 PM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)