Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":
Home -- Kirundi -- 01. Conversation -- 8 Persecution of Converts
This page in: -- Arabic? -- Cebuano -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Hausa -- Igbo -- Indonesian -- KIRUNDI -- Russian -- Somali -- Telugu -- Ukrainian -- Uzbek -- Yoruba

Previous booklet

01. Ikiganiro n’aba Islamu kuvya Kristo

8 - UMU ISLAMU WESE AHINDUTSE UMUKRISTO AKWIRIYE KWICWA?

Iyo umu Islamu ashoboye kunesha inzitizi z’inyigisho agahinduka umukristo, kuva ubwo ingorane zitandukanye zica zaduka. Itegeko Shari’a rivuga ko ategerezwa kwicwa iyo adashimye kwongera kugaruka muri Islamu. Ni izihe ntambuko twokoresha mu gufasha aba Islamu ngo bamenye Kristo mu gihe haca haduka izo ngorane kandi n’izihe ngorane umukristo yahoze ari umu Islamu agira iyo yemeye gukurikira Kristo. Reka twige uko twokwitegura ndetse n’ukuntu twokwifata muri ivyo bihe dukoresheje gusoma aka gatabu.



8.01 -- UMU ISLAMU WESE AHINDUTSE UMUKRISTO AKWIRIYE KWICWA?

Intumwa Paulo yisunze ivyanditswe muri zaburi yaturira abantu bose bahindukiriye Kristo bavuye mw’idini ry’abayuda canke Islamu: Mbere twirirwa twicwa bakuduhora, twagereranijwe n’intama z’imbagwa (Zaburi 44:22), ariko muri vyose turushishwaho kunesha n’uwadukunze (Abaroma 8:36-37).

Intumwa yo kumahanga yemeje iri jambo igihe yicwa aciwe umutwe mu mwaka 63 NY, nka Yakobo, mwenewabo na Yesu nawe yari yagandaguwe umwaka imbere yaho. Petero nawe avugwa ko yabambwe acuritse i Roma acuritse mu mwaka wa 64 NY. Umwami yazutse aha akaryo bamwe bo mu bamukurikira kubabarana nawe (Abaroma 5:3-5; Ab’I Filipi 1:20-23; 2:16-17; Ab’I Kol 1:24; 2Timoteyo 2:10-13; 1 Petero 4:16.19).

Ugupfa, nk’uko Paulo yavyanditse ni ijambo ririmwo vyinshi kuko ari nko gutsinda ubwoko bwose bw’ivyiyumviro ukaba mu buzima bw’abatsindanishirijwe. Abahindutse bavuye muri Islamu bakwiye kugenda baheba imigenzo yabo ya kera n’impwemu y’idini ryabo uko bagenda barakura mu kwizera gushika aho bazoba abakuze muri Yesu Kristo no mw’ishengero ryiwe.

8.02 -- Ukunesha ubuzima bwa Islamu mu buryo bw’impwemu

Uwo wese avugana n’aba Islamu ivya Kristo n’agakiza kiwe asanga hari intambamyi zitatu akwiye kurengera kuko hari impwemu ishaka kuzibira ingorane nyamukuru za Islamu.

Kristo, Umwana w’Imana nzima
Ubwambere, aba Islamu bahakana insiguro zose zivuga ubumana bwa Yesu Kristo. Kubw’iyo nyifato, baba bikuyemwo ububasha bwo kumenya Imana nka Data, Mwana na Mpwemu Yera. Bahakana ubumwe bw’Ubutatu Bweranda kandi bakitandukanya n’ugucungurwa. Bahakana ugutsindanishirizwa n’ubuntu kandi nta vyinshi bashaka kwumva kuvy’ubuntu bwo kuvuka ubwa kabiri. Kubw’ivyo, uwushingira intahe Kristo ategerezwa gusaba Yesu inzira zifasha n’ubuhinga yokoresha kugira umu Islamu amenye ko Umwana wa Mariya ari Umwana w’Imana yazanywe no kudukiza ivyaha vyacu.

Uwufise Umwana wayo niwe afise ubwo bugingo; udafise Umwana ntafise ubwo bugingo. (1 Yohana 5:12)

Si ivy’ubwenge canke ivyofasha gutangura kuganira n’umu Islamu ushimikiye ubwa mbere ko Kristo ari Umwana w’Imana, kuko aba Islamu benshi batahura nabi iri jambo bibaza ko Allah yaryamanye na Mariya, baca bavyarana umwana ivyo bica bituma babihakana.

Umusaraba wa Kristo
Intambamyi ya kabiri kumu Islamu ni iyo gutahura Kristo ko yaducunguye biciye mu kubambwa kwiwe (Sura al-Nisa' 4:157). Umu Islamu ntatahura insiguro y’urupfu rwa Yesu mu kibanza cacu canke ukwitanga kwiwe nk’ikimazi co kutwoza ivyaha vyacu vyose. Kubw’ivyo, ntamu Islamu aronka imbabazi ku vyaha vyiwe kubwo guhakana Kristo yatubambwiwe! Uwo wese avugana n’umu Islamu kuvy’iremwa, urubanza, ivya Aburahamu, Mose canke ibitangaza vya Kristo, iyurizwa mw’ijuru ryiwe ku Mana ntaba arashikira ku ngorane nkora mutima. Dukwiye gufasha umu Islamu ngo atahure ko ari umunyavyaha. Gutyo, dushobora kumusigurira ko Yesu yadukuyeko ivyaha vyacu. (Yohana 1:29-31).

Ukuri kwa Bibiliya
Intambamyi ya gatatu ituma bigora umu Islamu kwizera Imana Data ni ukwikeka cane ko Bibiliya yahinduwe. Iki cabaye nk’impwemu y’intambamyi bituma aba Islamu batizera Torati n’Ubutumwa Bwiza. Bizera ko ivyo abayuda canke abakrito bavuga vyose ari imigani n’ibitito canke amakosa. Uwo wese ashaka gufasha umu Islamu ngo atahure ko agakiza gashitse kabonekera muri Kristo, akwiye kumuremamwo ukwizera ko Bibiliya ari ukuri kw’ijambo ry’Imana kandi ikaba n’ivyahishuwe bidahinduka.

Izo ntambamyi zitatu si ingorane zisanzwe zishobora gusigurwa hakoreshejwe ubumenyi canke ibimenyemenya nyavyo ku buryo bizoshika ku nyota ivyiyumviro vy’uko aba Islamu bari babayeho. Aha duca dusanga hari impwemu igwanya abakristo ndetse n’iminyorororo bishobora gusa kubohorwa biciye mu buntu bubonekera mu nkomezi za Mpwemu Yera. Amasengesho- afatanye no kwizera abasenzi bazokora ni ngirakamaro mu guhura n’aba Islamu tubashingira intahe mu bwitonzi n’ukuri turongowe na Mpwemu. Naho biri uko, urukundo rwa Kristo ruguma ariyo mvugo ishobora gushika muri iryo bohero ry’umwiza aba Islamu barimwo.

Ugutsinda uko aba Islamu batahura Imana
Iyo umuntu amaze gutsinda izo ntambamyi zitatu z’ubuhakanyi nyamukuru mw’izina rya Yesu, ashobora guhura n’iyindi ngorane ikomeye ya Islamu. Ijambo Allah ryerekana imico n’imigenzo y’aba Islamu aho baba hose, mu kwizera, mu buzima, mw’itegeko ndetse no mu buzima bwa misi yose. Naho biri uko, ntirishobora gukuraho ubwoba bwabo bw’urupfu canke ugutinya ukuza kw’umusi w’iherezo. Ibikorwa vyose vy’aba Islamu bishimikira kuri Allah. Umu Islamu ntabereye kugirana ishusho na ntoya na Allah. Uwo wese ashaka kumufasha amenye uburyo Islamu ibikora ategerezwa gusigura Se wa Yesu Kristo nk’inyishu yo mu buryo bw’impwemu dusanga mu Butumwa Bwiza kugira atahure Allah.

Allah ninde?
Umu Islamu yatura mu gushingira intahe ukwizera kwiwe ati: Ntayindi Mana iriho atari Allah. Allah ni umwe rudende, si batatu! Ntagira akagero, ari kure ahadashikwa kandi niwe gusa yuzuye ububasha. Ivyiyumviro vyose bimwerekeye vy’abiga inyigisho menyeshamana ntibikwiye kandi sivyo. Amazina yiwe arahura kandi rimwe na rimwe agasubirizwa ayandi. Nta bwenge bw’umuntu bwoshobora gutahura Nyenubwiza. Yategekanije ikintu cose kandi asaba abantu bose bo bishikana kuri we. Allah si imana ifise urukundo rutagira akagero. Azimiza kandi akarongora uwo ashaka (Suras al-An'am 6:39; al-Ra'd 13:27; Ibrahim 14:4; al-Nahl 16:93; al-Fatir 35:8; al-Muddathir 74:31). Si Imana y’ukuri kuko yitwa ubwayo umugunge asumba bose (Suras Al 'Imran 3:54; al-Anfal 8:30; al-Nisa' 4:142). Ni umunyabwibone (Sura al-Hashr 59:23). Imbabazi ziwe aziha gusa aba Islamu bamutinya mu gutanga amafaranga yabo no kugwana mu nzira yo gukwiza Islamu (Suras al-Baqara 2:195; Al 'Imran 3:76,134,148,159; al-Ma'ida 5:13,43,93; al-Tawba 9:4,7,108; al-Mumtahana 60.8...). Impwemu yo muri Islamu yanka Data, Umwana na Mpwemu Yera kandi igahakana k’umugaragaro Ubutatu (Sura al-Ikhlas 112:1-4, n’iyindi).

Data wa twese uri mw’ijuru
Inyishu nyamukuru y’Ubutumwa Bwiza ni uko aba Islamu batahura Se wa Yesu Kristo. Imana nyenububasha ni Data wa twese! We yatwitangiye ibihe bidashira twebwe abanyavyaha twaremwe mw’ivu, kubw’isezerano ry’Umwana wayo Yesu Kristo, yadusutse kw’amavuta ya Mpwemu wiwe Yera. Ubutumwa Bwiza bwacu ntibwigisha Allah ari kure, adashikirwa canke adatahuritse, ariko butwereka uwuri hafi kandi akaba Data wacu. Yitwararitse umuntu wese kandi atuzi kurusha uko twiyizi. Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yacu yaraharuwe (Matayo 10:30; Luka 12:7). Yatanze Umwana wayo kw’ikimazi ngo adukize urubanza rw’imperuka. Ashaka kuba muri twebwe biciye muri Mpwemu wiwe Yera. Imana ni Data wa twese yatureze kandi adukuza mu buryo bw’impwemu. Mpwemu w’Uhoraho aturongorera gushira hejuru izina rya Data wa twese mu buzima bwacu.

Itandukaniro hagati y’ubu Islamu n’ubukristo ni itandukaniro rikuru riri hagati ya Allah na Se wa Yesu Kristo. Uguhinduka kw’umu Islamu kuzomurongora vuba canke haciye igihe ku gutandukana na Allah gushika aho azokizwa yisange yashitse mu biganza vya Data wa twese wo mw’ijuru.

Impinduka
Impinduka nk’iyo ntishika gusa kubw’ubumenyi ariko kandi n’uguhinduka gushitse kw’umuntu. Ibimugize vyose bitegerezwa guhinduka mw’ishusho ya Data. Ntibishoboka ko umu Islamu ahinduka umukristo akaguma mu mico n’imigenzo ya Islamu irimwo impwemu igwanya abakristo igihe kirekire. Ubuzima bwiwe bwose butegerezwa kumutumbereza kuri Data. Mu masengesho, yiga uko avugana na Se wiwe, We azomwishura biciye muri Bibiliya. Iyo umu Islamu ahindutse umukristo, ategerezwa kwiyambura Muhamedi akambara Kristo. Azoronka ubuntu bwo gukurira muri Yesu Kristo kandi ahinduke uwo mu muryango wa Data wa twese wo mw’ijuru. Ibi bisigura kwanka umuntu wiwe wa kera agahindurwa musha na Mpwemu Yera. Gutera intambwe akava muvyo yahoramwo bisigura kwinjira mw’isi yo muri mpwemu itazwi na Islamu. Mpwemu wa Data wa twese ashaka kuba mu buzima bwacu bwose. Kuko utejejwe utazobona Imana! Hatariho guhinduka musha, nta muntu n’umwe ashobora kuguma muri Kristo. Ukwo guhinduka kuguma ari igikorwa c’ubuntu ca Data wa twese, mu gihe twemeye kwumvira Umwana Wayo tukamushimira ko yaduhamagaye.

Umutego ushingiye ku vy’idini imico n’imigenzo
Iyo umuntu atitandukanije ubwiwe na Allah, ariko akagerageza kumufatanya n’Imana Data, ukwizera kwiwe kuba ku munwa gusa ntikwigera gushika mu mutima. Abahindukiye benshi Babura ico bafata n’ico bareka. Umuntu umwe yahindutse yavuze ati: “Namenye nongera ndizera ko Allah ari data ari mw’ijuru, yampaye ubugingo budashira.” Uwo muntu yagerageza guhuza Islamu n’ubukristo. Ari kumwe n’abakristo yaba umukristo ariko aravye abakenyezi biwe barikumwe n’abana babo ndetse n’abavukanyi yaca aba umu Islamu muri bo. Icavuyemwo yabaye nk’uwucanganikiwe mu buryo bw’impwemu. Itandukaniro riboneka hagati y’umuco n’umwiza, urupfu n’ubugingo riri mu nzira z’ububasha bw’umuntu. Ukwakira Yesu Kristo kubwo kwizera bica bitegeka umu Islamu kurekana na Allah akaguma muri Data. Ariko aba Islamu benshi barakekeranya kukurekana na Allah igihutihuti, bakabikora buke buke uko bagenda bakura mu kwizera. Ariko nta muntu ashobora kwinjira munzu atabanje kwegera impande yayo.

Mbega ubuntu ni ukuvuga iki?
Ijambo “ubuntu” muri Korowani riboneka incuro 38. Aba Islamu bizera ko babeshejweho n’ubuntu budashira bwa Allah. Ariko muri Islamu, ubuntu bisigura ikindi kintu gitandukanye n’uko Bibiliya ivuga. Imbabazi za Allah ziguma kuba Islamu bakomeye, abanyamugisha, abatunzi kandi bubashwe. Umuntu afise abana benshi, ibintu vyinshi, imodoka nyinshi, ingamiya canke amahera aba yahawe ubuntu na Allah mu kugirirwa ubuntu bugeretse ku bundi. Allah yarongoreye Muhamedi kuri Zainab, umugore w’umwana w’umurerano yareze yitwa Zaid, amurongora akibana n’umugabo wiwe (Sura al-Ahzab 33:37) iryo terambere naryo ryitwa ubuntu bwa Allah!

Naho biri uko, mu Butumwa Bwiza ubuntu bisigura ubwa mbere ukubabarigwa ibigabitanyo vyose : Yesu yaduhereye ubuntu ukugororoka, kuko yababaye yongera apfa mu kibanza cacu. Rimwe na rimwe abantu bitonda, abagwaye, abatama n’abababaye batahura ubwo buntu bw’Imana vyihuta kurusha abatunzi, abahambaye n’abantu beza usanga ataco bafise mu buryo bwa mpwemu. “Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ubwami bwo mw’ijuru ar’ubwabo!” (Matayo 5:3). Iciyongereye k’ugutsindanishirizwa n’ubuntu, abizera bahabwa ingabire y’ubuntu arivyo vyamwa vya Mpwemu Yera: Urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda (Ab’I Galatiya 5:22-23). Umu Islamu yahindukiriye Kristo ategerezwa kumenya ko ibitayega, ivyiyumviro vy’abantu, icubahiro co mw’isi “kuba umutunzi”, kugira ububasha rimwe na rimwe bihushanya n’ingabire zo muri mpwemu duhabwa zivuye kuri Data wa twese wo mw’ijuru.

Icaha canke umunyavyaha?
Muri Islamu hari urutonde rw’ivyaha uko bikurikirana : ivyaha bito bito, ibikorwa vyo kwirengagiza, ivyaha bitamenyerewe, ivyaha biboneka, ivyaha bidahuye n’itegeko (Shari’a), ubwicanyi, ibikorwa bibi, ivyaha ndenzarugero n’ivyaha bitababarirwa. Korowani yigisha ko umu Islamu ashobora gukuraho ivyaha vyiwe mu gukora ibikorwa vyiza, kiretse ibi biri muri uyu mugwi (Sura al-Tawba 9:111; al-'Ankabut 29:7). Ntiyibona nk’umunyavyaha! Iryo jambo rishobora gutesha agaciro umuryango wiwe wose! Vyoba ari ibiterasoni kuvuga ko umu Islamu ari umunyavyaha!

Abakristo b’ukuri bazi ko ari abanyavyaha iyo bigereranije n’ubwiza hamwe n’ukwera vya Se wabo wo mw’ijuru. “Nta mwiza, atar’umwe, niwe Mana.” (Mariko 10:18). Twuzuye amakosa, ukunanirwa, ukuzimira kandi muri kamere kacu turi abo gucirwa kw’iteka. Nta mwana w’umuntu yoba mwiza ubwiwe. Ugutungana kwa Data wa twese kwerekana ibigabitanyo vyacu (Matayo 5 :48). Ivyaha n’ibigabitanyo vyacu bifise ishingiro mu mpande zidaharurika. Ubuntu bwa Yesu Kristo gusa nibwo vyizigiro vyacu. Amaraso yiwe atwoza ivyaha vyacu vyose, kandi Mpwemu wiwe akaduhindura icaremwe gisha. Iyo umu Islamu adatahuye ububi bwiwe ngo abe mu muco w’Imana, ntashobora kumenya ko atavyizigiro afise ariko abandanya yiyumvira ko adakeneye umucunguzi canke ikimazi gikwiye gutangwa mu kibanza ciwe !

Ivyategekanijwe canke gutoranywa?
Korowani yigisha aba Islamu ko Allah ari Ushobora vyose, Uwuzi vyose n’Umunyabwenge muri vyose. Ingaruka zo muvy’inyigisho menyeshamana zavuye muri ivyo n’uko ategerezwa kuba yarategekeranirije umuntu wese n’ikintu cose muri ubu buryo bwagutse (Suras al-Furqan 25 :2 ; al-Qamar 54 :49 ; al-Talaq 65 :3). Umwana aba yiyizi neza kuva amaze imisi 40 munda ya nyina wiwe (Sura al-Najm 53 :32). Ivyaha, ingabire n’ibizomubako vyose biba vyarateguwe kuva kera. Korowani ishimangira kandi ko Allah yateguriye aba Islamu ikibanza co guhanirwa ivyaha vyabo akanya gato muri gihenomu (purgatoire : Sura Maryam 19 :71,72)! Naho biri uko, mu nyuma Allah azoca akiza bamwe mu bamutinya canke bagatanga amahera menshi, ndetse bakagwana mu ntambara nyeranda. Ukwemera nk’uko nikwo kwerekana Islamu kw’isi, rimwe na rimwe kugasubizwa hasi n’ibigumbagumba vyabo.

Mu cete candikiwe Abanyefeso (Igice 1 :3-4) abakristo bashobora gusoma ko Data wa twese wo mw’ijuru yadutoranije muri Yesu Kristo kugira tubeho turi abera imbere yiwe, turi mu rukundo rwiwe kugira dushushanwe mw’ishusho y’Umwana Wayo ikunda (Abaroma 8 :29-30). Uku gutoranwa sikwo gutuma twambara umwambaro w’ubushobozi, ariko kudushoboza gukunda, guhimbaza no gukorana ishaka dukorera Imana yacu ndetse mu bugororotsi. Ni Data wa twese yadutegekeranirije vyose muri Kristo Yesu, ariko si Imana itwaza igitugu yuzuye ukwivuguruza. Ishimikiro ry’urutonde rwayo ruboneka kandi dusomye mw’Itanguriro 1 :27 ifatanije ry’iyaguka mu buryo bwa mpwemu dusanga muri Matayo 5 :48 na Yohana 14 :9-11.

Ukuri canke ikinyoma?
Muri Islamu umuntu arekuriwe kubesha kumugaragaro muri buno buryo bune: Mu ntambara nyeranda (iyo avugana n’uwutari umu Islamu), iyo aba Islamu babiri bariko bariyuzuza, umugabo abeshe abagore biwe canke umugore agahenda umugabo wiwe. Indahiro y’igihutihuti ishobora kurengwako (Sura al-Tahrim 66 :2). Allah ubwiwe ahemukira abamuhemukira (Sura al-Nisa' 4 :142). Ntibitangaje ko wosanga mu bihugu vya Islamu urudandaza n’ubuzima bidashingiye k’ubwizigirwa, ukuri canke ubugwaneza.

Yesu yavuze ati : “ijambo ryanyu ribe Ego, ego ; Oya, oya : ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi” (Matayo 5 :37). Yesu ubwiwe niwe kuri (Yohana 14:6). Mpwemu Yera ni ukuri (Yohana 14:17; 16:13). Data wa twese wo mw’ijuru ni ukuri (Yohana 4:24). Ijambo ryiwe ni ukuri (Yohana 17:17). Uwahindukiriye Kristo, ategerezwa kimwe natwe kwiga kuba umunyakuri! Urukundo rutarimwo ukuri ruba ikinyoma, kandi ukuri kutarimwo urukundo ni nk’umwicanyi wo mu buryo bw’impwemu. Dutegerezwa kwiga kuvuga ukuri mu rukundo, no gufatanya igikorwa ca Kristo n’ukuri kw’Ubutumwa Bwiza.

Kurongora umugore umwe canke guharika?
Korowani iremerera aba Islamu kurongora umugore umwe, babiri, batatu canke bane mugihe umugabo aba ashoboye kubafata kimwe bose (Sura al-Nisa' 4:3). Iri tegeko ryarakuweho muri Turikiya, Maroke na Tuniziya. Naho birti uko, aba Islamu nta bushobozi bafise bwo kurongora umwe canke babiri kuko atamahera akwiye bafise. Naho biri uko, ubugeni muri Islamu ntibufatwa nko kuba umwe mu mubano. Umugabo ashobora gutoza indero umukenyezi wiwe, kandi abandanije agarariza ashobora kumukubita (Sura al-Nisa' 4:34). Umugabo ari hejuru y’umugore, mbere niyo hoba muri Sentare, intahe y’abagore babiri ifatwa kimwe n’intahe y’umugabo umwe (Sura al-Baqara 2:282). Vyongeye kandi aremerewe kuzana abahabara b’abaja igihe cose abishatse. Korowani iremerera umugabo kugira abandi bakenyezi kuruhande nk’abokwitirirwa urugo ruto rwiwe. Ubumwe b’umugabo n’umugore iyo bagomba gutorera inyishu ingorane zabashikiye ntivyigishwa muri Islamu. Islamu bisigura kandi idini rirengeye ukwubaha haba no mu bijanye n’ubugeni.

Kristo yemeje ko kugira umugore umwe vyategetswe mbere uhereye mw’irema (Mariko 10:6-9). Intumwa Paulo yavuze ko umugore azokwubaha amugabo wiwe, ariko ko umugabo akwiye kwitanga ubwiwe kubw’umugore wiwe nk’uko Kristo nawe yitangiye ishengero ryiwe (Abanyefeso 5:21:33). Icigwa c’ubugeni mu bakristo si ukuganza, ariko ni uwukunda n’uwukorera hamwe! Nk’uko hari itandukaniro hagati ya Allah na Se wa Yesu Kristo niko haba itandukaniro rinini mu gutahura ivy’ubugeni n’ukuntu imiryango yo muri ayo madini abiri abishira mu ngiro.

Abigisha ku mashure
Mu bihe vya kera-mbere rimwe na rimwe muri kino gihe- umwigisha wa Korowani yategeka kunguvu abanyeshure gusubiramwo ibice bitandukanye vya Korowani akoresheje mbere n’inkoni. Bategerezwa kuyifata kumutwe. Umwigisha yifata nka Allah muto yicaye ku ntebe yiwe kuri abo banyeshure. Ntiyatera intege n’umwe ngo yiyumvire canke ngo atahure ariko bategekwa kuyifata kumutwe no kuguma bayisubiramwo gusa. Urunganwe rw’abigisha ba Korowani bahinduye imico n’imigenzo ya Islamu nk’inzira ya Reta y’ivyiyumviro vy’aba Islamu.

Mu bakristo, umwigisha mwiza ni umuvyeyi w’umugenzi agerageza gufasha abanyeshure biwe ngo batahure, biyumvire, bihweze bongere bavuge ivyo bungutse. Ashobora kugira abanyeshure bamenya vyinshi mbere kurusha ivyo yigisha. Ntabahagarara ku gikanu, ariko abana nabo. Kristo yivuze ati: “Umwana w’umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, atari ugukorera abandi no gutanga ubugingo bwiwe kw’incungu ya benshi.” (Matayo 20:28). Iciyumviro c’umukozi w’umwizigirwa gishika no mu buzima bw’abakristo bose, gusumba uko yari yipfuza kubatwara. Ibi bisaba guhinduka, atari gusa kuba Islamu bihanye ariko no mu bantu bose kuko ukwipfuza kugira ubwibone biba i bwina mu muntu wese.

Igikorwa kigoye no kwitwararika ikibano
I Buraya abantu batwenga bavuga bati uwo wese azi igikorwa ico arico ntiyemere kugihunga ategerezwa kuba ari umusazi! Mu Burayi abantu benshi babishejweho n’iyi mvugo. Mu bihugu vya Islamu, umukozi afatwa hafi co kimwe n’umuja. Mu vyaro, ahatarashika abantu benshi, abafise amasi yo kurimamwo bafatwa nk’utumana duto. Ababeshejweho nabo bama babasomagura ibiganza n’ibirenge. Mbere kenshi, abakozi baronka impembo yabo haciye amezi abiri canke atatu bari mu guta ngo bomoke. Iyo abakozi bakora mu mahinguriro mu bisagara bahagaritse akazi, nyene iryo hinguriro aca arigurisha mbere akagirako yirukana abakozi biwe bose.

Muri Sudani i Militiya rimwe na rimwe hagwiriye ivyaro mu maj’epfo abagabo, abakenyezi ndeste n’abana bafatwa nk’abaja. Itegeko ry’ubuja muri Korowani na Shari’a ryarakuwemwo. Aba Islamu biyumva ko bari mu mugwi w’utumana. Abasenga ibiti n’imizimi…(Animistes) bategerezwa kwicwa canke bagirwe abaja. Abayuda n’abakristo babaho nk’umugwi w’abantu wa kabiri “ukingiwe” kandi bemerewe gukorera bashebuja babo b’aba Islamu (Sura al-Tawba 9:28-29).

Naho biri uko, Kristo aba muri twebwe nk’umukozi. Aciye bugufi kandi ni umugwaneza. Akora nk’umwubatsi atari nk’umudandaza. Yesu yahamagaye abarovyi ngo bamukurikire kandi bari basanzwe bakora gikorwa kigoye. Kristo ntashiraho abakoresha ariko abakozi. Imana yacu ni Imana yicisha bugufi kandi yuzuye uRukundo. Uwuyikurikira wese azohinduka nkayo. Umukoresha w’ukwizera yitwararika abakozi biwe kandi ntabaronderako inyungu. Ikibano kizotera imbere gusa aho ubukristo bwateguye inzira.

Mbega demokarasi yoba igwanya Islamu?
Muri Lebanon, rimwe rimwe abavyeyi bita abana babo amazina yo hanze: Napoleon de Gaulle, Bismarck, Stalin na Nasser. Ayo mazina ushobora kuyasanga kuntonde zabo zo kw’ishure canke ku mpapuro z’umutsindo. Rimwe umwarimu yiyitirira izina ry’uwundi mwarimu. “Hitler ntiyarishe amahera yiwe y’ishure!” bamubajije, yemeje ko iryo zina ari iry’umukobwa wa se. Abantu benshi i Burayi biteze umuntu akomeye azoza kugira akureho burundu igiturire. Gamal Abd al-Nasser, Khomeini na Saddam Hussein batwaza igitugu kandi barashimwa, bagakurikirwa n’abantu benshi. “Saddam ni umwami w’isi!!” Yoshobora gukengerwa ku nyandiko z’aba Islamu i Secunderabad, mu Buhindi! Aba Islamu baracarindiriye abaza kubatwaza igitugu, Allah muto atari ukubona batwarwa n’abakuru b’ibihugu bishingiye ku ntwaro rusangi bashobora gutorwa canke bagakurwa k’ubutegetsi. Biteguriye kugwanya ibigirwamana, nk’uko Hisbollah na Hamas batanze ubuzima bwabo kubwa Allah.

Ariko Yesu yavuze: “Ubwami bwanje s’ubwo muri iy’isi… Ndi Umwami. Iki nico navukiye, kandi nico canzanye mw’isi, n’ukugira nshingire intahe ukuri. Uw’ukuri wese yumva ijwi ryanje. (Yohan 18:36-37). Umu Islamu ategerezwa gutahura ivyo Yesu yabwiye Petero: “Subiza inkota yawe ahayo; kukw’ababanguye inkota bose bazokwicwa nayo (Matayo 26:52).

Uwo wese aje kuri Yesu azohinduka: Uwibona azoca bugufi, umunebwe mu gukora, uwuyorobeka ngo aciye bugufi n’uwuhahaza abandi mu muryango ashobora guhinduka umukozi wa bose. Kwizera Yesu biduhindura mu kuba mw’ishusho ya Data wa twese wo mw’ijuru. Iyo dusenga tuti: “Izina ryawe ni ryubahwe”, iri sengesho rishobora kududubiza impinduka mu mitima yacu, mu mashengero yacu ndetse no mu guhinduka kw’umuntu ku giti ciwe. Guhinduka mu buryo bwa mpwemu ni ngombwa kuri buri muntu wese yipfuza kuba umukristo ashitse. Bishobora kumenyekanira gusa mu bushobozi n’uRukundo rwa Data wa twese (Abaroma 5:5) biciye mu Mwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.

8.03 -- Ukuguma canke ugutandukanywa n’umuryango?

Abantu benshi muri buseruko bwo hagati n’aba Islamu benshi muri rusangi ntibikorera ubwabo. Bahuzwa n’imiryango yabo kubw’amaraso, ubugingo n’imigenzo. Babayeho nka “twese” hamwe n’abagenzi bagendera ku bintu bimwe, idini rimwe bakubahana umuntu na mugenzi we. Benshi barongowe canke bigishwa kurugero rwo hejuru, binjizwa mu bafata ingingo mubibanza vyo mu ntwaro biciye mu miryango. Umuntu atari kumwe n’umuryango wiwe mu bihugu vyo mubuseruko ntaco amaze kandi ntatekanirwa.

Mu bisagara binini, umuntuyibana wenyene kandi yitandukanya buke buke n’umuryo wiwe. Gutyo mu buseruko uno musi, abantu bariko barava kuri “twebwe” baja kuri “jewe”. Aba Islamu bariko baraba umuntu ku giti ciwe. Ariko imigenderanire yabo n’ababa mu gihugu hagati iracagoranye kurusha kuba mu bisagara binini binini.

Umuntu wo mubuseruko ntarashika kurugero rwo kwumva ko ataco ari mu bantu benshi. Ntiyifata nk’uwuri mu bandi. Aba nk’uwutagira izina nk’abanyamerika benshi no mu bihugu vyo mu Burayi. Abandanya ari uwo mu muryango wiwe.

Abavugabutumwa benshi bakwiye kugenda bitonda mu guhamagarira aba Islamu bamwe ngo bafate ingingo yo kwakira Kristo, kuko ntabwo ari “jewe”, yamara babaho ari nk’umugwi wa “twebwe”. Ntibafata ingingo bivuye mu mitima yabo, ariko abandi bantu bo mu miryango yabo nibo bababwira kuvyemera.

Umuryango- intambamyi nyamukuri kuw’ugomba guhindukirira Kristo!
Imigozi ya kera harimwo n’umuryango n’intambamyi nyamukuru k’umu Islamu bituma ataba umukristo! Umuryango ntumwemerera kuwusohakamwo. Ntana karohe bashaka ko kaboneka mu muryango, naho yoba muto muribo ngo ahinduke canke abe uwutizera, uwahindukiriye Kristo. Iyo umu Islamu ahindutse umu Koministe canke umuhakanyi ibi bashobora kuvyihanganira kuko babifata nko guhusha inzira mw’iterambere mu buryo bw’impwemu. Ariko umuntu wo mu muryango ahindutse umukristo ahura n’ingorane! Akadumbidumbi ka Islamu kavuga ko iyo umuhungu canke umukobwa ahushije inzira biba vyavuye kubusambanyi bwa nyina wiwe! Ivyo baba bashaka vyose ni ukugira umuryango ushireho ukwubaha gukomeye kuri buri muntu wese wo mu muryango, kugira agume mw’idini no mu kibano.

Iyo umuntu ashaka kubwira ubutumwa umu Islamu, nimba bishoboka akwiriye kugendera umuryango ubishima ntawutandukanye n’abandi. Abavyeyi n’abavukanyi babona ko abo bagenzi bashasha ari abo kwizigira kandi b’ukuri. Ni ngirakamaro rero gukuraho ukutizera kuko ubudumbidumbi, imigwi, abafana n’abanywarumogi nabo nyene bagerageza kwikwegerako abantu.

Dusoma muri Korowani ko umu Islamu atemererwa kugirana ubugenzi n’abakristo canke abayuda kuko abo badashobora kumureka ngo agume uko ari adahindutse nkabo (Sura al-Ma'ida 5:52.57…). Ariko kandi muri Korowani dusoma ko abakristo ari abansi beza b’aba Islamu kuko batahurana kandi ntiberekane ko bari hejuru yabo (Sura al-Ma'ida 5:82).

Ivyo waciyemwo vyerekana ko mu bihe vyinshi umuryango wose ntuzokwemera kubwirwa ubutumwa bwiza. Naho bimeze gutyo, dukwiriye kugerageza naho vyaba ari ku bice 5 kw’ijana kugira umuryango wose ushike kwakira Kristo iyo umaze kuwinjiramwo. Rimwe na rimwe ibi birashika ata gukekeranya!

Imibabaro ihungabanya umwidegemvyo w’umuryango
Iyo abavyeyi canke abubakanye babonye ko umwe wo mu muryango wabo ariko arasoma Bibiliya canke ikindi gitabu c’abakristo, ntabwo babihakana ubwa mbere ariko abaravyihanganira kandi rimwe na rimwe bakavyakira neza. Haba ivy’ubushakashatsi canke kumbuga ngurukanabumenyi, umuntu wese arabimenya ariko ntiyizere canke ngo yame ivyamwa bihwanye navyo! Ubumenyi bwa Bibiliya buremerwa ariko bushimikira kugutahura kudasanzwe kandi ukuzitirirwa mu bukristo mu buryo bwa mpwemu ni ikizira.

Iyo bibonetse ko umuyabaga canke umuntu akuze ashimishijwe no kwumva ivya Kristo n’Ubutumwa Bwiza bwiwe, nyirarume aca asabwa kenshi kuvugana nawe amubaza ibibazo, akamuhamagarira kwongera kwinjira mu muryango, akamugabisha canke mbere akamugirira nabi iyo atemeye gusezerana kuva muri ukwo kutizera kw’ibikozasoni kw’abakristo.

Iyo ukwo kugabishwa kw’umuryango akwirengagije, baca bongereza ibihano. Bahagarika amahera yo gukoresha, impuzu zikanyegezwa akabuzwa kuja kw’ishure, arakubitwa, haba ukwidodomba mu muryango, amakete arakurakuranwa canke umuntu ayatanga agahendwa ngo ntamubwire ivyo bamurega. Abagenzi n’abarimu biwe babwira ko bamushirako iterabwoba, bakamutuka harimwo no kumukubita nk’igihano bakwiranye. Abigeme bugaranirwa mu vyumba bito bito bakabima imfungurwa canke amazi, bagakubitwa buri musi basabwa kwishikana ataco basavye. Mu bindi bihe, umuntu akajanwa kugipolisi aregwa ibinyoma, ibishobora gutuma akubagugwa gushika aho bimenyekana neza ko ikirego ari ikijanye ‘idini “gusa” atari ubusambanyi bw’ishano, ukwankana canke ukurenga amategeko. Ugukubitwa gushika kumpfiro bifatwa nkama iyo baturuka muri bamwe bo muryango wiwe. Ibi bigakuraho urwanko, umururazi ndetse n’ubwoba. Intumwa Paulo yanditse ati: “Kuko twegereza imisi y’ukubaho kwacu, ariko muri vyose turushishwaho kunesha na Kristo yadukunze.”

Ubugingo budashira ntibugira iherezo
Ukwerekana umwitsa mu buryo bwa mpwemu ntibikorwa muri ubu buryo, reka tuvuge iy’inkuru y’ukuri yabayeho:

Muri Bangladesh umujanabutumwa mvamakungu yaronse akaryo ko kuba mumugwi w’imiyabaga ifise imya 16 kugera 18. Bamwe muribo barakiriye Kristo. Uwo mujanabutumwa yabahanuye: “Genda muhira iwanyu, mubwire imiryango yanyu ko Yesu yabahaye ubugingo budashira!”

Nur ul-Alam yari umuntu yubaha, yagiye muhira abwira se wiwe ati: “Papa, Yesu yampaye ubugingo budashira!” Uwo muvyeyi yitegereza umwana wiwe aramubaza ati: “Ninde yaguhaye ibiki?” Uwo muhungu yishura ati: “Umwana wa Mariya yashize impwemu n’Urukundo vyiwe mu mutima wanje.” Maze uwo muvyeyi aca ahamagara abana biwe bakuru ati: “Nimuzane inkoni ishushe!” aca abategeka gukubita mwene wabo gushika impwemu mbi imuvuyemwo. Mu nyuma Nur ul-Alam yavuze ati: “Barankubise gushika barushe.” Maze se wiwe araza aramubaza ati: “Ubu wumva wabohotse ya mpwemu yo hanze yari yakwunjiyemwo? Wamuhungu yishura Se ati, “papa, ubugingo budashira buri muri jewe ni ubudashira nyene. Ntibuzomvamwo. Nuko uwo muvyeyi aca ahamagara bene wabo ati: “Zana imbugita!” Batabura impuzu ziwe, bamusatagurako imisaraba kumubiri wiwe, kuva kw’izosi gushika kumaguru yiwe. Uwo muhungu ahagaze imbere yabo ava amaraso, se aragaruka aramubaza ati: Mbega yampwemu yo kuguhemukira ibihe bidashira yoba yakuvuyemwo? “Papa, urashobora kunyica. Ariko nzobaho ibihe bidashira. Ubuzima bushasha bwa Yesu ntibuzigera bumvamwo.” Se wiwe ashavuye cane ategeka bakuru biwe ati: “Muzane umunyu n’agapiripiri!” Babimushira muri zanguma uhere kumutwe ukageza kubirenge. Atakishwa cane n’ububabare. Nabo barirana nawe kubera bashaka kumukiza umuriro udahera. Ntivyabateye umubabaro nagato mbere bamusiga arambaraye mucumba muri uwo munyu n’akagapiripiri. Mukanya katari gato uwo muhungu yari yashoboye guhunga mw’ijoro, aca aja muruzi kwiyoza izo nguma, aca abona akato gatoya akerekeza kunzu y’umujanabutumwa, aradodora kumuryango ararindira.

Uwo muntu yuguruye urugi abonye imbere yiwe uwo muhungu ingene yuzuye amaraso, biramubabaza avuga ati: “Ntivyokubera vyiza kwinjira munzu yanje kuko nukuri bagukurikiye. Bandanya ibirometero bikeya imbere urabona uwundi muhana w’umwizigirwa wo mumuryango wacu, baraca bagushira munzu.” Uwo muhungu, yashizweho ibimenyetso vy’imisaraba, aca avaho mw’ijoro agenda wenyene!

Abajanabutumwa ntanyungu barondera murwaruka rwakijijwe nk’ukugwira kw’ubuhinga bwabanyaburayi, ariko bategerezwa gutahura ibibakikije, bakiyumva kandi bakababarana nabo kandi bakaba aribo bakorera.

Ubwenge n’ubwizigirwa birakenewe
Umuntu arih’acizera ntakwiye guhamagarwa ngo ashinge intahe kumugaragaro atagihe kihaciye; umwana avutse ntashobora kuvuga canke ngo agende. Uwo mwizera mushasha agomba kubanza gukura mw’ijambo, mu bwenge, mu gusenga no mu rukundo, gushika aho - agira amajambo agororotse, kumwanya ubereye- mukwizera gushasha kwiwe. Mbere kenshi ntashobora kubibwira umuryango wiwe kumugaragaro, ariko ashobora kubivuga muburyo bw’ukuntu abayeho, uko akora, ubuntu bwiwe n’amasengesho yiwe ko hari ikintu gishasha cinjiye mubuzima bwiwe.

Uwakijijwe ntakwiye guca ava munzu kwa Se kubera kumuhuhumba no kumushirako igitsure. Nimba asohorewe mu muryango w’imbere ashobora kwinjirira muw’inyuma. Ntanumwe aba amukunda gusumba abavyeyi biwe! Ugukorera mugacere kwiwe, kuvugisha ibikorwa vyiwe n’ukwubaha abavyeyi kwiwe nivyo bivuga cane kuruta amajambo bishobora no kuzana ukwiyumvira gukomeye n’ishavu. Naho biruko, nubwo ubuzima bwiye bubangamiwe, umwitsa nyenigikorwa, umugwi w’ishengero uwakijijwe arimwo, bategerezwa kumushiramwo, bakamushigikira kubw’uburenganzira bwiwe. Ariko mugutanga iyo mfashanyo bategerezwa kwiyubara kubantu kubakiri bato, kubw’amategeko atabirekura.

Ababiranye bazoryarukana n’ukwahukana mugihe bokwizera Kristo. Kuva muri Islamu kumukenyezi nikimwe mubituma yahukana. Muri ico gihe abana niwe baba begukira wenyene. Iyo umugabo yahukanye n’umugore wiwe kubera yizeye Kristo, aca atakaza uburenganzira bwiwe bwose kubana kandi akirukanwa. Twoshobora kwibaza ukuntu abakenyezi mw’isi kislamu bababazwa kubwa Kristo.

Guhunga no guhindukira
Aba Islamu nigake bakora muri ubwo buryo budasanzwe bwo gukubagura no kwica abari mumiryango yabo. Bibiri vya bitatu vy’aba Islamu bose benshi canke bake ni bigenga kandi bakanitaho gake ivyerekeye idini. Ariko kugirango ntibatakaze ukubonanwa nokwemerwa aho basanzwe baba ntibashobora kuguma bahishiriye uwahemutse hagati yabo. Bagerageza kwitandukanya ubwabo n’uwo wese yataye umurongo, canke iyo bikunze bakamwirukana akaja mu mahanga.

Ariko icagatatu c’aba Islamu bararemerwa n’ivyiyumviro vyabo igihe umwe wo mu muryango wabo ahindukiriye Yesu. Bategerezwa kumuhana kugirango bamukize, canke kandi, bakamusambura. Kuri izo mpande zose uko ari zibiri zirababaza igihe umwe muribo abaye umukristo, ariko gusa bakeyi ntibaba biteguye ngo biteho kumwica.

Muri iyi misi abizeye bashasha ntibarinda kumara igihe kirekire, Baca bahunga imbere y’uko babica. Baca binyegezanya n’abagenzi canke bagahungira mubihugu bitarimwo ayo mazina.

Uwihanye ataraba uwigenga “jewe” akaba abaye muri “twebwe” bo mu muryango wiwe yipfuza kurongorera ababanyi biwe kuri Yesu mugihe yamaze kuronka impwemu y’urukundo rwa Yesu amaze guhinduka. Ariko muvyukuri urwo ni urwitwazo rwabo rwo kumwirukana no kumwanka ibihe vyose (Yoh16:1-4). Naho bimeze uko abihanye bashasha baca bimatanya kubw’ukwizera n’ugushinga intahe kw’Intumwa Paulo we yahamagaye abarinzi b’ibohero, “Ni mwizere Umwami Yesu, muzokizwa-mwebwe n’abo munzu yanyu (Ivyak 16:31) ...

Mbega tworekera abihanye muri uwo mubabaro? Kandi uwihanye yama ariko arabaza ati: “Nimba guhindukirira Yesu biteza kubabara, si vyiza cane kurekera aba Islamu mw’idini ryabo?” Nimba umwe yemeranya muri ubwo buryo ntiyatahuye Muhamedi canke ntiyanatahuye Kristo. Muri Islamu ntagakiza kariyo, ntakibemeza ko ivyaha vyabo vyahariwe, ntagucungurwa, ntamahoro, nta Mpwemu Yera ariyo, nta Bugingobuhoraho buriyo. Umu Islamu adafise Yesu yarazimiye kandi yarapfuye muburyo bw’impwemu! Umwana w’Imana wenyene niwe yashoboye kuvuga ati, “Ni jewe nzira, ukuri n’ubugingo; Ntawushika kwa Data ntamujanye” (John 14:6). Ntayindi nzira yokuja ku Mana y’ukuri atari umusaraba! Iyo ugomba kugumya abakijijwe bavuye mu mubabaro uba ubaye nka Petero yagomvye ko Yesu ataja kumusaraba (Matthew 16:22-23). Iyi nyishu iremereye ya Yesu iraba abantu bose bashaka kuronka abihanye bashasha atamubabaro bavuyemwo.

Umukama wacu yabivuze avyeruye ati, “Umuntu wese yahevye amazu canke abo bavukana canke bashiki biwe canke nyina canke Se canke abana biwe canke imirima ku bwanje no kubwo Ubutumwa Bwiza azobishumbushwa ijana kw’ijana kandi azohabwa ubugingo budahera" (Mat 19:28-30; Marik 10:29; Luk 18:29). Yesu yabivuze intambuko kuyindi ati, “Uwukunda Se canke nyina akabanditusha ntaba ankwiye; uwkunda umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe ntaknwiye; uwutikoreye umusalaba wiwe ngo ankurikire ntaba ankwiye. Uwugomba gukiza ubugingo bwiwe kubwanje azobubura, ariko uwuzobuheba kubwanje azoburonka” (Mat 10:37-38; 16:24-25; Luk 9:23-26; Yoh 12:25).

Biroroshe kuvuga canke kwandika aya majambo kubandi, ariko biragoye kuvyihanganira. Naho biruko ni inshingano zacu kwemerera abizeye bose bariko barahamwa kubw’umwami Yesu bakinjira mu muryango wacu w’impwemu kandi tukabitaho gushika bashoboye kwibako ubwabo.

Uwo mwanya mugihe uwakijijwe ariko arakura muburyo bw’impwemu abariko acagagura ya “twebwe” yo mumuryango, yahuye n’ibigeragezo bidasanzwe ivyo yagerageje kunesha, naho aba ari uwugitangura kwizera.

Ni irihe hishurirwa nyakuri?
Nk’umu Islamu, uwahindutse aba yarigishijwe ko ibitabo vyose vyahishuwe nka Torati, ama Zaburi, Ubutumwa Bwiza na Korowani ari ibitabo bifise igitabo cavyo kitavanze kiri mw’ijuru kandi bikuzuzanya. Ariko rero ntagihe kirekire bisaba kugira uwahindutse aboneko Bibiliya ataho ihuriye na Korowani. Ubutumwa Bwiza bushingira intahe Yesu ko ari Umwana w’Imana incuro 50, Korowani ibihakana incuro 17. Umusi wanyuma w’ubuzima bwa Yesu uvugwana kenshi n’imibabaro yiwe yose n’urupfu. Ariko Korowani ivuga, « Ntibamwishe, ntibanamubamvye. Vyari vyakozwe kugira bibonekere kuribo» (Sura al-Nisa' 4:157). Ubutumwa Bwiza buhishura incuro 187 ko Imana ari Data wa twese. Nubwo biri uko, Korowani ko Allah atari Data, kandi ko atawuhwanye na we (Sura al-Ikhlas 112:1-4). Muri Bibiliya dusoma ibijanye no kwabira umugore umwe, ivy’ukwahukana vyabujijwe, ivyo guharira abansi bacu, n’ibijanye na Mpwemu Yera aba muri abo bose bakurikira Kristo. Mugitabo c’aba Islamu, nubwo biruko, Allah we arabarekurira kwabira benshi, kwahukana ni uburenganzira bw’umugabo aho ashakiye hose, hariyo ukwihora kw’iyo mana canke gutanga ikiguzi c’amaraso, kandi nibidashoboka kuri buri wese kugira impwemu y’imana-Allah wenyene niwe ahambaye!

Abandi bose ni abaja biwe- mbere na Yesu hamwe na Mpwemu Yera! Uwakijijwe bamuhata ibibazo: Ni ikihe gitabo gifise ihishurwa nyakuri ni ikihe cemewe kandi atari ic’ukuri canke kibesha? Ico kibazo ntikirinda kuva hanze. Kivuka muriwe nyene, mu mutima. Ntitwoshobora gutanga inyishu zibereye. We nyene ubwiwe agomba kwimenyera ukuri, kugirango ashobore guhangana n’ibitero vy’umuryango wiwe n’abagenzi. Tugomba kumufata mumugongo mugusenga, tumuyoborera mubice vya Bibiliya vyomufasha cane, kwiyumvirana nawe mungorane ziwe zose, gushika aho wenyene ubwiwe atahura biciye mw’ijambo ry’Imana: Bibiliya niryo jambo ryonyene ry’ukuri ry’Imana! Ryuzuyemwo ubugingo n’ubushobozi. Korowani irazimiza, ni ihishurwa ryahimbwe kandi rizanwa n’impwemu inyuranya na Bibiliya.of God: The Bible alone is the true Word of God! It is full of life and power. The Qur'an is misleading, it is a forged revelation and the product of an anti-biblical spirit.

Ivyaha bidaharirwa
Ikigeragezo kigira kabiri kirashobora gufata ibaho ry’impwemu y’uwakijijwe mushasha. Korowani yerekana ko ibicumuro bitatu arivyo bidashobora guharirwa:

Aravumwe umuntu wese afata Allah akamwongeraho iyindi mana (Sura al-Tawba 9:29).

Umuntu avuye muri Islamu akaba umukristo aravumwe incuro zitatu (Sura al-Baqara 2:161),

Umujinya wa Allah uza kuri uwo wese yishe umu Islamu ibigirankana, atantumbero yo kwihora (Sura al-Nisa' 4:93).

Umuntu wese ahamagarira umu Islamu kuri Yesu, ako kanya nyene agaca amuhamagarira gukora ivyaha bibiri bidaharirwa arivyo muri Islamu dusanga binyuranye na Mpwemu Yera mu Butumwa Bwiza. Igihe umukristo yobazwa ibijanye n’uko yavuze nabi kubumwe bw’Ubutatu Bweranda, ntazirirwa yiyumvira ariko akwiye kubihakana. Umutego udasanzwe urimwo kuwakijijwe usa n’ivyo. Ategerezwa gucumura ku kintu cari icubashwe imbere yiwe, kugira ngo atsindire Kristo aronke ubugingo budashira. Ntidukwiye kumushirako inguvu ngo bitume afata ingingo y’igihutihuti, ahubwo twomusengera tukamuremesha, tukanamufasha ngo ashinge imizi cane, yemezwe kandi amererwe neza mu Butumwa Bwiza (Aba Rom 8:14-16; 1 Korint12:2-3).

Kubw’amatwi kislamu hari imburi nyishi muri Korowani zerekana ko umuntu azorenga amategeko akava muri Islamu azohomba ivyiza kadi ntaco azokwerekana kurubanza rwa Allah aho azopima kumunzane ivyaha vyiwe (Suras al-Kahf 18:105; al-Zumar 39:65; et al.). Ariko Yesu amwemeza ati: “Ubuntu bwanje buraguhagije! Ivyo wakoze ntibihagije kugira ngo bigutsindanishirize nahamwe. Amaraso yanje yamenetse nibwo bugororotsi bwawe!"

Urubanza rwo gupfa
Umuti w’umururazi uwakijijwe akwiye guhabwa nuko bivanye n’ingingo, hisunzwe Shari’a, uwo muntu ategerezwa “gupfa” (Sura al-Baqara 2:217). Korowani ntivugako akwiye “kwicwa”. Iki kintu gituma aba Islamu b’abanyamategeko baja kurondera mumigenzo ya Muhamedi kugirango bahitemwo kimwe muvyo “yavuze” bisaba kwica umuntu nk’uyo kubwa reta kislamu. Ariko kumumenyesha umu Islamu ko apfa kumvo itaboneka muri Korowani ntibirekuwe n’amategeko, ab’abanyamategeko baca bumvikana ivyo bisunga kugira bice uwo muntu yakijijwe. Batandukanira gusa kukiringo azomara mugasho mugihe baba bakiriko biyumvira kumenyesha ko azicwa. Bamwe bavuga ngo ni imisi 3, abandi ngo ni ukwezi, aho murikwo aba Islamu bongera gusigurirwa ivyo kumugarukana muvyo yarashinzemwo imizi. Iyo yanse burundu kwisubirako, igihano baca bamuha nukumwica.

Ama Reta menshi kislamu, nubwo biruko, ntibashira mungiro ivyo kwica uwakijijwe! Amategeko yubahiriza agateka kazina muntu kw’isi yose arahushanye na shari’a. Ariko kandi n’ama Reta kislamu yigenga aranka gushira mungiro amategeko kislamu. Badoma urutoke kumurongo umwe wo muri Kororwani uvuga ivyo “urupfu” rw’uwakijijwe gusa, ariko atari “ishirwa mungiro” canke “ukumwica” (Sura al-Baqara 2:217). Umusi umwe, “Allah azomucira urubanza kandi niwe azomureka ngo apfe” Intwaro ntaburenganzira zifise bwo kumwica”, ku banyamategeko bamwe niko babihanura.

Ab’akame muba Islamu nubwo biruko biyumvira ugutandukanye. Basaba ugushiraho n’ishirwa mungiro rya Shari’a kibiriraho. Kubw’iyo mvo abizeye Kristo bashasha bagirizwa kugira ivyiyumviro bitari ivy’ukuri, barapfungwa, bakihwezwa, bagahohoterwa, kandi ukurekurwa kwabo kuba inyuma y’ukwezi, gushika igihe abanyapolitike mvamakungu canke aba Perezida bavuze ijambo ryo kubarekura. Igihe baba bakiri mugasho, bamwe muribo basezeranirwa: Nimwongera mukatura ukwizera kislamu muraca murekurwa ubu nyene. Umukenyezi umwe yishura ati, “Nshimye kugumana na Yesu aho kuja kwitaho abana ata Yesu mfise.” Igihe Se, kubw’abana biwe, yatura ukwizera kislamu yisubiramwo, baramutwenze banamubwira bati, “Ugerageje kwemera Islamu gusa kubera abana bawe. Mumutima wawe ugumye uri umukristo. Ntuzorekurwa.”

Abakristo benshi bo mu Burayi no muri Koreya ntibazi ico bisigura imbere y’amategeko umu Islamu kuba umukristo. Aho ama Reta yigenga atica uwo muntu, umuryango w’ab’akame bo bategerezwa guhanagura izina ry’uwo muhemutsi no kwica kameremere y’ “ukutemera Imana”. Muri Arabiya Saudite no muri Irani, kimwe no muri Pakistani no muyandi ma Reta kislamu, igihano co gupfa carakuweho kumugaragaro. Umwami wakera wa Maroc, Hassan II, yabajijwe ibibazo n’Ishirahamwe Amnesty International, yishuye agira ati: “Mugihugu cacu turafise amategeko duhagararako: Allah, umwami w’igihugu cacu. Mugihe rero umuntu aje akavugako hariho irindi dini ryiza kuruta Islamu, dutegerezwa kumushira muminwe y’abaganga kabuhariwe kugira bamusuzume barabe ko ari muzima canke atagwaye mu mutwe. Iyo bibaye bityo agashaka gukwiragiza ukutizera kwiwe dutegerezwa guca tumuhana.”

Abakristo bose ni aba Islamu?
Ikigeragezo cambere gikomeye uwuzeye mushasha azohura naco kizova mubajanabutumwa bicira ingero. Muri Korowani barabamwo imirongo ibiri ivuga ko abantu bose bakurikira Yesu ari aba Islamu. (Suras Al 'Imran 3 :52 ; al-Ma'ida 5 :111). Abo basomyi ba Korowani bizewe, nubwo biruko, ntibigeze bamenya ko uwo wari umutego wa Muhamedi kubuyobozi bw’abakristo bo muri Yemen. Muri iyi mirongo ibiri yaretse intumwa za Kristo zatura ko bamaze kuba aba Islamu beza, kugirango Umusenyeri n’umwami w’iWadi Nadjiran baze batahure : Nimba Intumwa za Kristo zari ababIslamu- natwe tugomba kuba turi aba Islamu- abakristo ! Tuzoba mumahoro atari mu kinyoma. Bagumye ari abakristo baciye bugufi kandi barakuwe mugihugu cabo inyuma y’imyaka mikeyi. Uyu musi ubwongoshwe bwa Muhamedi bwarakwiragijwe mubihugu kislamu vyose : “Ntukeneye kugaRuka kuri Yesu kumugaragaro. Izere Allah n’intumwa Muhamedi ! Urashobora kuba umu Islamu ukaba n’umukristo icarimwe. Nkuko hariho Abayuda b’aba Mesiya, hashobora kubaho, kandi, b’abakristo bislamu!”

Abo bavugishwa bibinyoma yaba Islamu ntayo bazi yaba n’amajambo ntabanduka ya Yesu n’intumwa Paulo. Islamu ni impwemu igwanya ubukristo (1 Yoh 2 :21-25 na 4 :1-5) kandi yerekana ihishurwa ritariryo biciye mumumalayika yakorotse ava kw’ijuru (Galatians 1 :8-9). Aba Islamu babohewe hamwe mu mpwemu kandi bakeneye kubohorwa biciye mu nkomezi za Kristo. Nimba wibazako ushobora kubwira ubutumwa aba Islamu atakubambwa ku mwana w’Imana kurimwo uzocirirwa urubanza n’amajambo ya Yesu muri Mat 10 :32-33 ; 16 :23-25 ; Rom 1 :16-17 ; 1 Korint 1 :18-24 nahandi.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Sudani Turabi yize cane kuri iyi mirongo ibiri yo muri Korowani aca atangaza imbere y’amategeko ko abakristo bose muri Sudani bari aba Islamu kandi ko abakristo b’abagabo bashobora kwabira abakobwa b’aba Islamu baba Sudani. Yakoze ivyo mukugera ikirenge ciwe muca Balaam yahanuye Balak ko yomenya abantu biwe mukubavanganya ngo babirane n’abanya Israel. Kubwo uwo mugenzo w’uwo muryango bizomira ab’Israel bose bari muribo mumyaka mike cane. (Guhar 31 :16 ; 2 Pet 2 :15 ; Yuda 11 ; Ivyah 2 :14). Turabi yahawe igihano gikomeye n’abacamanza b’idini rya Islamu bo muri Arabiya Saudite kubwingendo yiwe yakoresha ihakana ubu Islamu.

Gushira ibintu mumigenzo- ikosha?
Intumbero y’abigisha bisunga imigenzo irumvikana. Nimba uwahindutse agaragara nk’umu Islamu kandi akaguma ari umu Islamu, ariko kandi akaguma ari umukristo, ntaguhamwa azogira, ububabare canke urupfu, azoba abohoye n’ishengero ryiwe arikuye mungorane, no mukumwitangira. Yamara abo bigisha bariyobagiza ko ata muntu numwe ashobora kuvanga amazi n’umuriro, kandi ko n’ijoro rihunga umutaga. Umutwenzi n’ikirengazuba biboneka nk’ibirengana, ariko atari nk’ikintu camaho!

Muri Egiputa, abajanabutumwa basigura bararonse igisongerezi mugipolisi akizwa kubwa Yesu akora mw’igendereza baca bamubarirako ashobora kuguma ari umu Islamu kandi ari umukristo mumwanya umwe. Ico gisongerezi yumva iki ciyumviro kiramubohora kuko muri ubwo buryo imiryango y’ikibano yarayugururiwe. Vyatumwe aronka aba Islamu benshi akoresheje ubuhinga bwiwe bwo kwiyoberanya. Ariko haheze umwaka umwe n’igice yumva atari umukristo canke umubiri, atari n’umu Islamu mwiza canke ngo abe n’umukristo w’ukuri, hama asabwa kubatizwa murindi shengero. Haheze igihe, aba Islamu bagenziwe bakorana muri ya service bamwagiriza ko yaguye akava muri Islamu bamuhanisha ibihano bikomeye ivyo yahora akorera abavuye muri Islamu. Ariko yagumye ari umwizigirwa kuri Yesu kandi yarashoboye kubahunga afashijwe na bagenzi biwe.

Haciye igihe gito uwo mugwi wose wari wihishije mumigenzo barawufuta bawuhereza mw’ibohero. Ibinyamakuru bisohoka kumusi vyandikanye agashavu bakoresheje umutwe w’amajambo w’agakekezo:” Idubu z’abakristo mumwambaro w’intama bagerageje kuzimiza aba Islamu ba ntaconezwe!" Imiryango y’abanayamahanga yari icungerewe yaciye irekugwa n’ubuserukizi bw’amareta yabo haciye indwi nkeya baca bahungishirizwa muri Egiputa.

Ivyo bisigura ko, bene data bahamagawe b’abizigirwa batigeze bamenyako ijanabutumwa muba Islamu ritahurwa nk’ukuzimiza abantu no guhungabanya umutekano. Kubwa Korowani iki gicumuro kirahambaye kuruta n’ubwicanyi (Sura al-Baqara 2:217). Umuntu wese azana ibibazo mugihugu ashobora kwicwa canke akabambwa. Kandi, ugukuraho igikonjo kimwe n’ukuguru kunyuranye n’ico gikonjo kurashobora gukurwa kuriwe, canke akirukanwa mugihugu (Sura al-Ma'ida 5:33). Kubwa Kororwani na shari’a, ijanabutumwa ni Ubukozi bw’ikibi budasanzwe. Abazimiza kimwe n’abazimiye bose batangarizwako ari ukwicwa, baba abigira abajanabutumwa bajisha amahema canke ababayeho nkaba Islamu- bakristo.

Uwushingira intahe Yesu kandi yambara nk’umu Islamu akigira umu Islamu kandi muvy’ukuri ari umukozi wa Kristo, afatwa nk’uwahemukiye Islamu imbere y’amategeko, kubw’itegeko kislamu, igihano ciwe ni urupfu. Vyongeye aharurwa nk’umwiyorobetsi, umubeshi, n’igipinga. Kubwa shari’a ashobora kwicirwa aho nyene, atacamira.

Akenshi umu Islamu ntamenya amategeko ya shari’a rimwe kurindi. Uwukorera muba Islamu ntakwiye kuyobora abamurondera kuri Yesu ningoga na ningoga. Imbere ya vyose, ntibakwiye kwihutira kubatizwa kare. Umuyabaga ariho acizera akwiye kubanza kumenya ico bisigura kuba umukristo. Ukubanza gukura muburyo bw’impwemu ni ngirakamaro cane kuruta ibiharuro vy’umunezero vy’ababatijwe. Akaranga niko gakwiye kubanza kuza imbere y’uko imbere y’ibitigiri!

Nimba umuntu wese ashobora kwibaza kuri izi ntambuko zitandukanye z’ukuntu aba Islamu umuntu kugiti ciwe bava mukibano, mumugwi kislamu no mumuryango, arashobora gutahura ko uwakijijwe ashobora kwigaragaza ubwiwe mu majambo y’Intumwa Paulo:

Nkuko handitswe, ngo twirigwa twicwa, bakuduhora, twagereranijwe n’intama zimbagwa. Ariko muri ivyo vyose turushishwaho kunesha n’uwadukunze. Kuko menye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, canke ubugingo, canke abamalayika, canke abaganza, canke ibiriho, canke ibizoba, canke abafise ubushobozi, canke uburebure bw’igihagararo, canke uburebure bw’amajepfo, canke ikindi caremwe cose, ntakizoshobora kudutandukanya n’uRukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu. (Rom 8:36-39)

8.04 -- Kwakira abakijijwe mu mashengero asanzweho

Ukwakirwa mu mashengero kenshi bigaragara nk’igice kimwe cumvikana cane mungorane zitatu zikomeye ico abantu bavuye muri Islamu, bakurikiye Kristo, bababazwa nayo. Aba Orthodox benshi, Aba katolika b’Abaroma n’amashengero y’Abaprotestanti muri Aziya no muri Afirika, na rimwe rimwe mu Burayi, ntibarazwa ishinga no kwemera abakijijwe bashasha bavuye muri Islamu. Imvo zitandukanye kuri iyi ngingo irashobora kumvirizwa uku gukurikira:

● Rimwe na rimwe aba Islamu barindira imfashanyo y’amafaranga kandi baba biteguye guca bahindura idini kubw’amafaranga nka kurya umuntu ahiduranya ishati n’iyindi ariko bidashemeye, kubandanya mugihe amafaranga yoba akiriho. “Uwo urira umukate, uririmba indirimbo yiwe!” Iryo hame rirakora mw’isi y’aba Islamu naho.

● Ubu rero kandi umwigeme, yizeye Kristo, aca yizanira umusore w’umu Islamu kubatizwa kugira ngo azomurongore. Baba bazi neza ko ukuvangana kwabo barongorana bitahabwa ikaze mukibano cabo. Iciyumviro nk’ico gitegerezwa kuva kumpande zose ariko, umuryango, amategeko n’ikibano ntibavyemera. Ubu bwoko bw’ ‘ikiyago’ ntikibubahisha, kandi gitera ingorane nyinshi.

● Kubw’itunganywa kislamu kunkehwa umujanabutumwa wese akorera muba Islamu arabujijwe kuja mubakrito kavukire (Suras al-Baqara 2:217; al-Ma'ida 5:33). Iparuwase yirengagiza ivugabutumwa muba Islamu kuri “umwe” mubanywanyi bayo arahanwa kandi akanaraswa. Dutahureko abapatiri, abapastori, naba Senyeri bakwiye kugaba cane kugira ngo ntihagire umunywanyi wabo aja mugikorwa c’ivugabutumwa muba Islamu kumugaragaro canke ngo nuko ahawe uruhusha n’uburongozi bw’ishengero ryabo, kuko murico gihe ishengero ryabo rishobora kugarwa na Reta.

● Imigwi mvugabutumwa mvamakungu canke yo mugihugu imwe imwe baragirirwa amahirwe bagafata bafashijwe bakabajana muyindi paruwase kugira ngo umupasitori ababatize ace abashira mubizeye bashasha. Baratangara iyo babonye umukuru w’ishengero atavyo yitayeho akanka no kwemera abo bashasha baje. Ibi birumvikana, kuko umugwi mvugabutumwa ntiwoshobora gukora utazi abakuru bamwe bamwe uko bameze, aribo bategerezwa kworohereza igikorwa no kugishigikira. Abo bakuru bategerezwa kubimenyeshwa imbere yo kubikora, kugira bashigikire ibikorwa vy’iyo migwi mugusenga kandi bitegurire kwakira bashasha bizereye mumiryango yabo babarinde ibitero vyose, kandi babashitse kuntambwe nyinshi.

● Inyoni irindiriye guta amagi ibanza kujisha icari ubwambere nambere, ntabundi buhinga! Abagenzi bose biteguye gukora igikorwa c’ivugabutumwa bakorera mubihugu kislamu bakwiye kubanza ubwambere na mbere gushiraho imigwi y’abasenga murivyo bihugu canke hanze y’amashengero asanzwe ariho, azobafasha murico gikorwa, muvyo bokenera n’ibikorwa bakora. Nimba umwe yegeranije imigwi yo gusenga azobona ivyamwa mugihe kizoza kuruta kuja kukivi nk’uwitembereza ukazovayo mugihe gito. Mu mashengero yose ni abantu bake cane bariko barashikira abatarakira Kristo. Ugomba kubasengera kugira ngo ubaronke.

Ubusabane mu kibano
Iyo umu Islamu, mugihe co guhinduka ciwe inyuma yo kubabazwa nuko yirukanywe mu muryango wiwe no mukubano yubahutse kwegera abizera ngo bagiranire ubusabane n’ishengero mbere akagerageza kuvugana n’abakristo, abapatiri n’abapasitori, biba aratangara cane. Aba yiyumva: Ntibanyizeye! Biyumvira ko ndi umusezi, canke ko ngomba kuyovya umwe mubakobwa babo, canke bakaba biteze ko ninjiye mubukristo!

Egome, mubuzima bwa misi yose aba Islamu bakoresha cane amajambo atandukanye kurusha abakristo benshi, kandi iyo bakoresha amajambo amwe, baca banatanga insiguro zitandukanye. Bambara kandi bakigenza ugutandukanye n’abakristo kuburyo bakavukire baca berekana ningoga ivyo badahurizako. Ivyo bice vyose biyumvamwo igihome kitaboneka.

Ikintu cambere uwakijijwe akeneye ni ukwizera, ugutahura n’urukundo! Abizera b’abasenzi benewacu na bashiki bacu bakwiye kuza bagahura na we, bakavugana na we, bakamutumirira kubagendera iwabo bagatuma yiyumva: uri umwe muri twebwe, turikumwe! Ariko ubwo butumire ntibukwiye gukorwa n’umuryango urimwo abakobwa bageze kurongorwa, kuko muri ico gihe ubutumire butotahurwa neza.

Iparuwase, nubwo biri uko, ritegerezwa kuba nk’icari c’inyoni aho uwakijijwe yiyumvako ari muhira. Ubusabane n’abakurikira Kristo ni “twebwe” bashasha kuri we, ivyo ashaka n’ivyo akeneye inyuma yo kumuca mumuryango wiwe. Iparuwase ni wo muryango mushasha kurundi ruhande ushobora kumubeshaho. Ningirakamaro cane gutegura uwo mugwi ngo bemere abakijijwe, nkuko bisabwa kubashikira.

Abakuru n’abapasitori ntibakwiye gutera intege canke ngo bemerere uwizeye mushasha gushinga intahe z’ukwizera kwiwe imbere y’abantu canke ngo babahe intebe z’icubahiro. Ntakakamaro vyogira kumugira uwukomeye kandi adasanzwe- Mugihe gito yozungazunga nk’igipurizo. Yoshobora guhabwa ubuzi butobuto muri uwo mugwi n’utundi dukorwa, kugira yumveko yemewe kandi ariko afatwa nk’abandi. Yari umunyavyaha nka twe yatsindanishirijwe n’ubuntu bw’Imana.

Mu gihe uwihanye yemewe mu muryango w’abakristo bakwiye kwama bamurinda. Ukwitanaho hagati mu buseruko birubashwe kuba Islamu n’abakristo. Hariho umuvukanyi umwe yagiye mubabanyi biwe kumuryango aca avuga ati: Umuvyimba wanje n’uwiwe biragerekerana! Baca barahava bagenda badendebukiwe, batangajwe n’umugenzo w’abarabu n’ukwakirana kwabo.

Uzorya ubize akuya!
Mugihe umu Islamu abaye umukristo hama akaguma aba mubabanyi baba Islamu azobura akazi kubera ko aguma arabwa nk’uwavumwe na Allah, abamalayika biwe n’aba Islamu bose (Sura al-Baqara 2:161). Kuribo, yabaye uwahumanye (Sura al-Tawba 9:28). Ntamu Islamu numwe ashobora gusangira n’uwo muryi w’ibigurube n’umunywi w’inzoga canke ngo amuhe igikorwa n’ahantu na hamwe!

Ni igikorwa cihutirwa cane kumupasitori wo kw’iparuwase canke ku mukuru w’umuvugabutumwa kuronderera ubuzi abakijijwe muri Yesu. Ntibihagije gutumira abakijijwe ngo mufungurire hamwe mumiryango ngo bace bisubirira iwabo. Muri urwo rugendo rurerure ni ingorane itesha agaciro. Kandi, abakijijwe ntibakwiye guhabwa ingabire z’amahera muminwe yaba make canke menshi. Ku mu Islamu yiyubashe ntibizoba bigifashwe nk’ubuntu! Si abasezi, ariko ni abavukanyi na bashiki bacu. Ico bakeneye ni akazi karamba canke kubigisha ingene bokwibeshaho. Mbere bamwe muri bo bariga ukuntu bokora cane. Hari ingorane nyinshi muriki gikorwa.

Umupasitori umwe yari afise urusengero rufise ikibanza c’amakoraniro cama casizwe amarangi incuro nyinshi mu mwaka, kugira hameho akazi k’abakijijwe. Yashaka kubafasha atansiguro zisabwe. Ubwo buryo bwabahaye kwumvako hakozwe igikorwa c’agaciro. Abandi bapasitori bakabasaba ngo basature inkwi, kuringaniza kumbuga, gukubura munzu no kumbuga, kakira abantu, inyandiko zitandukanye, guhindura inyandiko mu zindi ndimi, kugurisha ibitabo canke gukora ubundi buzi, kugira ngo babahe igikorwa nyakuri atari ivyagusa.

Abakijijwe kenshi usanga bataronka akazi bigiye canke bakaba batahejeje amshure yabo. Abigeme bamwe bamwe baba bakeneye inyigisho mubijanye no gushona, imikangara y’abahungu ikigishwa ivy’ama mashini nyabwonko, ivyokunyonga amamodokari akora mw’ibarabara canke guhabwa infashanyo kugira barangize amashure yabo. Ivyo vyose bisaba amafaranga. Ayo mafaranga ntapfa uko atanzwe, ariko atangwa nk’ingurane izosubizwa. Muntango, ntamafaranga menshi akwiye gutangwa. Kiretse gusa igihe amwe makeya yambere asubijwe mubwizigirwa ntangere, turashobora kwitegura gutanga menshi akazorihwa. “Ukora ivyo yizigiweko kucoroshe cane, agira atyo no kugikomeye: ugabitanya kucoroshe cane, agabitanya no kugikomeye.” (Luk 16:10).

Kubw’amahirwe umu Islamu yaserukiye kw’ishirahamwe ridandaza ama Bibiliya mugisagara c’aba Islamu aca asaba ama Bibiliya yo kugurisha mw’isoko aho abagenda n’amaguru baca. Uwukora muri iryo shirahamwe agikekeranya, wa mu Islamu aca avuga ati: “Ngerageza umpe ama Bibiliya abiri gusa, hanyuma nzozana amafaranga yimwe murizo Bibiliya, kandi nzorondera amafaranga yo kuriha iya kabiri.” Uwo musi nyene aca agaruka azanye amafaranga acatora ama Bibiliya ane yo kugurisha. Inyuma y’imisi ibiri acaza azanye amafaranga y’ama Bibiliya abiri hama ahabwa ama Bibiliya umunani. Yabaye umwizigirwa kuri ayo makeyi, kuburyo atamakenga namwe yariho muvyo kumwizigira kuma Bibiliya 16 canke 20, ayo yandandariza ahabona kw’isoko aho ata mukristo numwe gutanga ama Bibiliya.

Igihe ubuzi bushasha bubonekeye vyabaye ngirakamaro kugira umugwi w’amasengesho ushigikira umugwi mvugabutumwa. Kuvaho uwo mugwi w’abasenzi utanguriy gukora, bagomvye cane kumenya ikibanza c’aho baruhukira.

Kuja kuvuga Ubutumwa muba Islamu ntibisigura gusa kubaremesha ariko kandi nukubashira ivyo bakeneye muburyo bw’umubiri. Nyuma y’umugwi ‘abanyeshure biga Bibiliya, bakorera Fort Lamy mw’izinga iri mw’ibahari y’Ubuhindi, bagarutse bababaye mu mitima no gukurikira ibikorane bitagira akamaro, inyuma y’indwi imwe umusore w’umu Islamu wo muri iryo zinga aseruka kumuryango w’umwe muri abo banyeshure. Amubarira ko yatoye icandiko kimwe muvyo bataye hirya no hino, Kuba yaravyitaheho gusa vyatumye acibwa mubakunda iryo zinga. Wamunyeshure yiga ivya Bibiliya, kumuryango wiwe aho uwaciwe ari adodora, babaza umwigisha wiwe ati: “Uyu mwanya nokora iki kuri uyu muhungu?” Amaze kumva inyishu: Amwishura mububangutsi ati, “Waronse umuvukanyi,” “Ego, umuvukanyi muburyo bw’impwemu!” Igihe yabazwa ico yokora igihe umuvukanyi wiwe yariko aradodora kurugi nkaho ari igisigo, yavuze ati, “Nari kwugurura urugi ndarutaburuye nkamubarira: ‘Uburyamo bwanje ni ubwawe kandi ububiko bwanje buruguruye kubwawe.’ Igihe uwo munyeshure w’ivya Bibiliya yabwirwa ko hari umu Islamu yirukanywe ntiyari gusa buryo bw’impwemu ariko kandi yari umuvukanyi wiwe nyakuri uwo yarashinzwe, yaciye agira isoni kuko atahuye ko ijanabutumwa muba Islamu bidasigura gusa igikorwa c’ivy’impwemu z’iyi si, ariko ari ukwitanga guhoraho.

Sivyiza ko umuntu yibana wenyene!
Umuntu wese ku myaka 30 atarubaka ari umuhungu canke umukobwa mw’isi kislamu arabwa nk’uwakoze nabi mu muryango wiwe no mubagenzi kandi afatwa nk’uwudakwije ubwenge canke amagara yiwe atari mazima. Ninkenerwa cane ku muhungu wese canke umukobwa yakijijwe kurondera uwo bubakana yizera Kristo.

Aba Islamu benshi bafata ibatisimu gusa nk’ikintu gisanzwe mu bitarivyo umu Islamu ashobora gukora imbere y’uko asenga. Ariko igihe arongoye umukobwa w’umukristo icamuhuza n’umuryango wiwe kislamu (umma) kiba giheze. Ukurongora umugore w’umukristo bisigura kwitandukanya nabo kuba Islamu bashi babibona nk’umubatizo.

Birateye impuhwe kubavyeyi babakristo kureka umukobwa wabo ngo arongorwe n’uwakijijwe mushasha. Batinya uburyo kislamu bw’ubuzima babayemwo, ko uwo mugabo azohava abakubitira umukobwa wabo. Mu gihe yosubiramwe ndemeye y’aba Islamu incuro zibibri imbere yiwe aca afata ko yinjiye muri Islamu. Abana bose niwe bazoba begukira gusa, umugore wiwe akazotorana kimwe ku munani gusa c’ivyo batunze.

Kurundi ruhande, umukobwa yahoze muri Islamu yahitamwo kurongorwa n’abakristo b’abanyamahanga kugira ngo ashobore kuva mu gihugu ciwe. Bagaca bava mu bavukanyi bizera bonyene, batararongorana. Rero abakurikira bagategekwa kurongora abakobwa b’aba Islamu. Ukwizera kuwakijijwe kukaba kudatekaniwe, kubera uwo mugore wiwe w’umu Islamu ashobora kumusaba kwahukana umwanya uwo ariwo wose naho yamaze kuva muri Islamu, iyo abana bose babo n’ivyo batunze vyose vyomwegukira.

Ukuyoborwa n’ubwenge n’imbabazi biva kuri Yesu Kristo birakenewe kugirango- nimba bishoboka, bose bavuye muri Islamu- bubakane. Hahiriwe gusa ubuzima bw’umuryango udakekeranya mw’izina rya Yesu. Ibi bishobora no kuba urufatiro kugira ishengero rishasha ryo munzu. Igihe bose abo bagiye kubana biyemeje kungaruka zoterwa n’amakoraniro abera munzu yabo. Iyo ayo makoraniro avumbuwe, abo uko babana ari babiri baca bafungwa kandi ivyo bafise vyose bigapfungwa. Kwabirana mw’izina rya Yesu Kristo biri kure cane y’ingaruka kandi ni uburyo bwo kuronka amashengero mashasha yo munzu.

Bene wacu na bashiki bacu bajejwe ukubaho kw’amashengero bashobora gushiraho ibiganiro hagati y’abakristo b’imikangara n’abakobwa barongorwa, kugira bahure kandi bavugane. Ivyo biragoye mukarere kaba Islamu ko mu gihugu hagati ariko ntangorane n’imwe bitera mubisagara binini binini. Uburyo imikangara y’abahungu n’abakobwa babana hamwe muma kaminuza, mububiko bw’ibitabo, kubibuga vy’indege no muvyapa biranga inzira.

Akarorero, kerekana akaranga k’ikintu kitakigezweho bituma twiyumvira ukuntu twogihindura ciza gusumba:

Muri Maroke hariho umusore ahumuye w’umukristo yagira ubuntu akaba yari umuyobozi w’ishure. Ntiyashobora kuronka uwo babana bakwiranye mu buzima bwiwe. Hama yibwira ati: “Mfe isezerano nk’irya Adamu’ ku Mana. Nkuko Umuremyi yasinzirije Adamu, ifata rumwe mumbavu ziwe, Ikaremamwo umugore, umugore mwiza cane atawuhanye nawe mw’isi, hanyuma Ikamumuzanira, nimurubwo buryo najewe ntazigera ndondera umugore, ariko nzotegereza mpaka Imana umumpaye mwiza cane aruta bose.”

Umwami Imana amurungikira umukobwa w’umujanabutumwa akuze amubwira ati, “Emir, harageze ko urongora!” Arishura ati, “Urakoze Mwami!” Umukobwa arabandanya ati, “Ndafise urutonde rw’amazina 80 y’abakristo b’abakobwa bose bashaka kurongorwa n’uwakurikiye Yesu.” – “Ni vyiza cane!” Emir arishura. Uyo mukobwa arabandanya ati, “Ubu rero icaguriremwo umwe wewe ubwawe muri abo bose.” Emir yishura ati, “Ariko ntabonzi abo bakobwa.” Wa mujanabutumwa ati, “Ivyo ntakamaro bimaze. Fata ikereyo ryawe, ufunge amaso yawe, usenge hama ikiganza cawe kije kurupapuro. Uwo ikereyo ryawe riza kudomako, niwe mukobwa Uhoraho azoba yaraguteguriye.” Emir ati, “Ndapfuye!” Wa mukobwa aramubarira ati, “Ntakibazo. Ubu harageze ko rongora.” Emir arahezagurika, afata ikereyo, arekurira ikiganza ciwe kijugumira kurupapuro, afungura amaso yiwe asoma izina ryacaguwe. “Aba hehe?” ashira induru kumunwa. “Mubumanuko, kubilometero 500, kunkengera z’ikiyaga,” iyo niyo nyishu yishuwe. “Fata imodokari yawe, umanuke iyo ari umubarire uti, ‘Imana yakundungitseko kugirango twubakane.’” Agitangaye, Emir afata imodokari yiwe, aragenda, ashika aho wamukobwa aba, abona inzu yiwe, avuza isoni, kandi- igitangaje- yari muhira. Atanga ubutumwa adidinganya – baca barongorana haciye igihe gito.

Inyuma y’amezi, naho vyaruko, Emir yandikira bagenzi biwe ati: Munsengere kugirango menye gukunda umugore wanje, kuko agoye kandi yipfuza ivyo ntashaka namba. Ukubaho kwacu kwahindutse urupfu rudahera. Nk’umukristo, sinshaka kumukubita canke kwahukana nawe. Munsengere nige gukunda umugore wanje agoye. – Uyu musi bafitanye abana benshi kandi ni umuryango wahezagiwe, inyuma yo kwihanganiranira kuburakari bw’umwe n’uwundi.

Si uwo ariwe wese ashobora gushima uburyo uwo mutamakazi w’umukobwa yabikoze, ntanuwo tubitegeka canke ngo tubibuze! Ariko yahuje abakristo benshi barongorana kurusha abanyabwenge muvyigwa menyeshamana. Umuhungu yariruhukije ati, “Mwami Uhoraho andungikire umumalayika nk’uwo, nanje!”

Mubihugu kislamu nko muri Maroke, ntamariage zigenga ziriyo, zishobora gukorerwa gusa mu biro kwa shehe. Ariko mubihe vyinshi ingabire idasanzwe iramufasha cane gusinya impapuro zikenewe nubwo atoba yari yitavye murivyo birori, kugirango ntihagire numwe arambika ikiganza ciwe kuri Korowani. Ariko abana bavutse baba ari aba Islamu. Mubihugu nka Maroke ntaburyo bwemewe n’amategeko kuguhindura ivy’idini ryawe bivugwa kurupapuro murekarengane!

Iyo uwakijijwe arongoranye n’umugore yizera ibi bisigura kandi ko mu bihugu kislamu imiryango 2 yunze ubumwe. Amajambo, ubushakashatsi n’ibiganiro birakenewe gushika inkwano zirishwe kandi impande zose bakanezerwa. Inyuma y’ibirori vy’umuryango vyahuje iyo miryango 2, abubakanye b’abakristo bakiri bato baragira umugirwa w’ibirori bigira kabiri vya mariyaje mumbuga y’urusengero rwabo, vyo bifatwa nk’intango y’ubuzima bw’ukubana kwabo.

Hambavu y’iyo ngorane yo kuraba uwo mwubakana muberanye, kenshi mubihugu kislamu hariyo izindi ngorane:

Abarongoranye bahindutse rimwe narimwe ntibashobora kwemerwa mumanama ahambaye kuko baba bafise abagore 4 n’abana benshi. Muri Sudan iparuwase yafashe ingingo yo kubatiza iyo miryango minini minini no kuyemera, mugihe uwurongoye umuryango yaturiye imbere ya bose ko yacumuye atabizi agakurikira amategeko mabi. Ntashobora kwahukana n’abagore biwe n’abana kuko ariwe abajejwe. Ategerezwa kumenyako, mu mategeko atajanye na Bibiliya, atarekuriwe kugira igikorwa nakimwe azezwa nk’umukuru w’ishengero.

Mubuhindi, umuganga karuhariwe n’abagore biwe bane n’abana 20 yabaye umukristo. Aca afata ingingo yo kubwira ubutumwa abo bagore biwe kugirango azosigarane umwe yashoboye kubwemera. Aca aheba babandi bose bahakanye Umwana w’Imana, ariko yigumanira abana bose. Ukwihora kw’umwana mukuru wo kumugore umwe muri bamwe yaheba yategereje Se amaze gupfa amuhamba mu buryo kislamu!

Ukwifatanya n’iparuwase, ukuronka akazi, kugira ubugeni rukristo ni intambuko zitatu ngirakamaro zokwakira abakijijwe mw’ishengero. Ingorane zifatana n’izi ntambuko rimwe na rimwe zikenera amasengesho menshi cane, ukwizera, umwanya ninkomezi kuruta kubwira Ubutumwa umu Islamu n’ugutandukana n’umuryango wiwe. Abakijijwe benshi baranyegeza ukwizera kwabo muri Yesu Kristo ababo burundu, gushika babeho bitunze kandi babeshweho n’ukwizera kw’umukristo mubanyi.

Iterambere ngirakamaro
Inyuma y’ihinduka ryiwe akaba umukristo uwakijijwe aba akiri kure y’umukristo akuze. Aba akeneye umwanya wo gukura mu kwizera, mu rukundo no mu kwizigira. Akwiye, nkuko natwe dukwiye, kwama asoma Bibiliya imisi yose kandi agafatira ingingo mumasengesho. Yige guharira abandi, nkuko Yesu yaduhariye natwe (Mat 6:14-15). Itegeko rya Yesu atari ugucira imanza ivy’abandi bantu bakora (Mat 7:1-5).

Uwakijijwe azerekana ningoga intege nke z’abakristo. Arihweza uko pasitori asimbira kuri arutari yashinze umutwe wiwe yigisha ari kuri arutari mumvugo inyuranye n’iyo asazwe akoresha iyo ariko aravuga. Akabonako hariho abatunzi n’abakene b’abakristo kw’ishengero kandi ko abatunzi bubashwe cane, mugihe abakene atawubitayeho kandi bamenyekana bigoranye. Imyambaro yo kumusi w’Imana berekana kuri we igaragara nk’urusaku kubasivye. Ariko iyo umuntu bariko baravuga aserutse, bose bigira abakunzi biwe. “Ni indyadya!” ubwonyene awakijijwe niko avuga. Abapasitori bamwe bamwe bitwara nk’ikinyoni kigenda gikubita amababa yaco kugira kimenyekane. Urabona urukundo rudashemeye, ubwibone bwinshi, n’ukutagira akamaro. Mugihe gito azovuga ati, “Abakristo sibeza kuruta aba Islamu! Harimwo amacakubiri, gushaka icubahiro n’itunga kandi basa n’abemera ngo babonwe, n’ababakikije bose.”

Ico uwakijijwe yokwiga ni ibanga ryo guhariranira, ryo gusengera abandi, kwiyanka, kwiyagiriza imbere y’Imana, n’uguca bugufi mumpwemu. Ibanga ry’ubukristo ni ukubabarira, sukutagira agatosi! Dutegerezwa kubabarira mwene wacu mushiki wacu kumusi kumusi incuro zirenga 490 gusa.

Kurundi ruhande, abo twita abakristo “babushitse” bakwiye kwiga ingene batocira imanza abakijijwe mu kubanka. Amajambo menshi kislamu arabashikira, atavuzwe neza. Mubuzima bwo kwubakana, ingeso z’ubugabo zitegerezwa gupfa, hama gusa na Yesu mugukorera abandi bikura. Barakeneye umwanya wokwiga ivyo bokora amasaha 8 kumusi, kugira ngo baronke ivyo gutunga imiryango yabo. Ntibakwiye gutoteza abo badasangiye imigambwe muri politike, ariko bakwiye kubakunda no kubasengera. Urwanko rusangi rwo kwanka abo badasangiye ubwenegihugu rukeneye ugucungurwa. Ukwiyamamaza kubi guca kumboneshakure, mubinyamakuru no kwerekana guhamagara inguvu za Mpwemu Yera kuzimya imboneshakure no kunesha indoto zihumanye zo murivyo. Ugutwarwa nivy’ubona kuzoneshwa n’ugukora kwawe muri Kristo. Uwakijijwe ntazobona Umwami Imana atatsindanishirijwe, habe namba.

Inyishu y’ibi bibazo irihe? Nk’abakristo, dutegerezwa kugira imbono y”abakenyezi igihe dukorana n’abakijijwe, atari imbono nk’iy’umupolisi w’igisongerezi. Uyo arabona ivyo akorerwa kandi akavyandika. Umukenyezi nawene arabona amakosha y’umwana wiwe, ariko ayamuhanira mu rukundo yizigiye ko atazongera gusubira!

Umukenyezi buri mwanya kumusi aguma ahindagura ivyahi vy’umwana wiwe. Ariko uwo muvyeyi, kandi rimwe narimwe n’umugabo nawe ivyo arabikora kubw’urukundo. Kugeza ryari? Indwi? Ukwezi? Amezi atatu? Iyo barushe bose bariye bahaze baca batana kakabindo n’umwana muri nyabarega? Ntibishoboka! Sivyo! Kubera iki? Nyina ni nyina se ni se. Boza umwana wabo kenshi, ku mwaka, imyaka ibiri, n’iyirenga, iyo bikenewe. Urukundo rwimbitse nirwo rubibakoresha.

Dushobora gukorera uwahoze ari umu Islamu mu mpwemu imyaka myinshi ahinduke gose atsindanishirizwe kandi ategurwe gukorera izina rya Yesu. Imbaraga zigendagenda z’umwana w’Imana zirakomeye kuruta uko twibaza kuko: Icavyawe n’Imana cose kinesha isi; Iyi niyo ntsinzi yacu yatsinze isi, n’ukwizera kwacu. Ninde anesha isi, atari uwizerako Yesu ari Umwana w’Imana? (1 John 5:4-5)

Urukundo rwa Yesu Kristo rudusunikira kugenda gukorera abo bahevye impwemu n’imico ya Islamu bakemera Kristo n’uko ameze. Akarorero n’ubwizigirwa bw’abakristo benshi ni ntabanduka, nkuko Pasitori Iskander Jadeed, yahoze ari umu Islamu, yanditse:

Iyo abakristo bose bazakuba ari abakristo b’ukuri,
ntamu Islamu yogumye ari umu Islamu namba.

8.05 -- Ibibazo

Mwenenedata Musomyi!

Nimba wize neza aka gatabu, urashobora kwishura ibibazo vyoroshe ibibazo bikurikira. Umuntu wese yishura neza 90 kw’ijana y’ibibazo vyose muri ubu butabo umunani vyo muri uru rukurikirane, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo rw’ikigo cacu.

Inyigisho Zisumbuye
Munzira zifasha mukugiranira ibiyago n’aba Islamu Kuvyerekeye Yesu Kristo

nk’ibigutera intege mubikorwa vya kazoza kuri kristo.

  1. Ni izihe ntambamyi 3 abakozi b’Imana bagomba kunesha kugirango barongore umu Islamu kuri Kristo?
  2. Ni iyihe ngorane ihambaye cane itandukanya Islamu n’ubukristo?
  3. Allah ninde muri Islamu?
  4. Nigiki Imana Data wa Yesu Kristo aha abana biwe aba Islamu atanakimwe bakiziko?
  5. Kubera iki Allah muri Islamu adashobora kuba Data wa twese wo mw’ijuru?
  6. Ubuntu muri Islamu busigura iki mbega mubukristo ho busigura iki?
  7. Kubera iki umu Islamu ashobora gusaba Allah ngo amuharire amakosha yiwe ariko ako kanya nyene ntiyumveko ari umunyavyaha?
  8. Ni irihe tandukaniro riri hagati yo kuba warategekanirijwe ibintu muri Islamu no kuba waratoranijwe mu bukristo? Kubera iki aba Islamu kenshi “biyerekana” mubigumbagumba kubw’uburozi bwabo mugihe abakristo b’abarabu bitaho gukora cane, kutihumanya no kwihangana?
  9. Kubera iki ata Mpwemu y’ukuri iri muri Islamu? Ni ryari Shari’a yemerera umu Islamu kubesha no kurenga indahiro?
  10. Ni ayahe matandukaniro ari hagati y’uguharika kuba Islamu no kurongora umugore umwe kuba Kristo?
  11. Mbega abigisha b’aba Islamu bigisha gute? Kubera iki abana baho basabwa kugira ubumenyi kuruta ubwenge bwo kwiyumvira no gukemura ingorane?
  12. Kubera iki Korowani na Shari’a bidakuraho ubuja, gushika n’aho aba Islamu muri Sudani yo mu burengero bemerewe n’amategeko gutunga abaja? Nigute iyi impwemu izi ngingo z’imigenderanire iri hagati y’abanyamahinguriro canke abarimyi borozi n’abakozi babo?
  13. Kubera iki demokarasi izoguma ari ingorane kuri Islamu? Kuki intambara nyeranda muri Islamu ifise intumbero ntahinduka ku gushiraho reta ishingiye kw’ idini?
  14. Bifata umwanya ungana gute kumu Islamu kugira ngo ibimubatsemwo bisambuke, ahebe imigenzo y’aba Islamu ngo abe umukristo akuze? Kuki kwiyitiraya n’aba Islamu bitagira umwimbu n’insiguro ya Bibiriya mu gihe uvuga ubutumwa muba Islamu?
  15. Bisigura iki kuba Islamu benshi bakiri mu buja bw’imiryango yabo kandi batarigenga? Ni gute uko kuri kuzohindura ubuhinga bwacu bwo kubashikira?
  16. Ni hehe Korowani ivuga ko aba Islamu badakwiye kugira ababagezi b’abayuda canke b’abakristo canke bafatanye urudandaza?
  17. Kubera iki umuryango kislamu wemerera abanywanyi babo gusoma inzandiko z’abakristo ariko ntibigere babemerera kuba abakristo? Ninde mu muryango yacaguye kuburira abarondera gukurikira Kristo kubw’ukwizera?
  18. Ni uruhe rutonde rw’ibihano bizohabwa abavyeyi kugira ngo bacungure uruvyaro rwabo canke kubo babana bahevye Islamu?
  19. Kubera iki uwakijijwe avuye muri Islamu ategerezwa kuguma ku bavyeyi biwe b’aba Islamu? Azigenza gute nimba adashobora kuvugira ku mugaragaro ivy’ukwizera gushasha kwiwe?
  20. Ni aba Islamu bangahe kwi 100 ari abigenga kandi nibangahe bashaka kuba abakurikiza urutonde, ukubaha Korowani na Shari’a?
  21. Ni gute umu Islamu yomenya ibitabo vyavuye mw’ijuru bivugako bifise ihishurwa nyakuri? Korowani ni igitabo cahumetswe n’Imana?
  22. Nibihe vyaha 3 muri Islamu bitazigera biharirwa? Bisigura iki kuwakijijwe iyo ahamagarirwa kuri Kristo ?
  23. Kubera iki uwakijijwe wese avuye muri Islamu aja mubukristo imbere y’amategeko acirirwa urubanza rwo gupfa naho Korowani itabasaba kubishira mu ngiro ?
  24. Abakristo bose ni “aba Islamu” nk’uko Korowani ibivuga ? Ni iyihe ntumbero y ‘iki kinyoma c’aba Islamu kandi ni izihe ngorane bizana.
  25. Ni gute ishirwa mungiro ryimigenzo ya Bibiliya ryo tandundukanwa nimigezo inyuranye na Bibiliya bo n imigenzo yabantu ? (Soma Mat 16:21-23)
  26. Kubera iki urukundo rutarimwo ukuri ari ikinyoma kandi ukuri nakwo kutarimwo urukundo kwica?
  27. Ni hehe umuntu yobona amashengero atiteguye kwemerera abakijijwe bavuye muri Islamu kwinjira  mubanywanyi babo?
  28. Ni izihe mvo nyamukuru zituma abakuru n’abarongozi b’ishengero bakekeranya kwemera abakijijwe bavuye muri Islamu baje mukibano cabo? Nigute twova muriyo nyifato iteye ubwoba?
  29. Ni gute twokwemera abakijijwe mu busabane bwacu kugirango biyumveko barikumwe natwe iwabo kandi babone uwundi muryango mushasha nk’abari mu “mucari” mumigenderanire natwe ?
  30. Kuki ari ngirakamaro cane mu bihugu bimwe bimwe bisanzwe ari ivy’aba Islamu gushira imbere nambere abarondezi bakoresheje ibigendajuru imbere y’uko babazana mumakoraniro Manini mani y’amashengero ?
  31. Kuki abakuru b’ishengero baronderera ubuzi abakijijwe kandi nigute abo batigishijwe bategurwa kubw’umuhamagaro wabo ? Kuki bategerezwa kwiga gukora cane nk’uko dukora?
  32. Kubera iki mu ntango abarondera canke abakijijwe tutobaha ingabire y’amafaranga atabisabwe dushizeho kandi tukabafashisha ingurane ntonto?
  33. Ni gute tuzofasha abakijijwe bavuye muri Islamu ngo baronke umukristo bubakana? Kuki kenshi imiryango y’aba Islamu ukwabirana n’umukristo yizera nk’ikintu gikomeye kuruta ibatisimu?
  34. Kubera iki ukwabirana rukristo mu bihugu bimwe bimwe vy’aba Islamu bidashoboka canke ngo vyemerwe n’amategeko ku buryo abakurikira Kristo n’abana babo bategerezwa kuguma ari aba Islamu kubw’impapuro zabo za mureke arengane?
  35. N’iki ikomite y’ishengero ifatira ingingo iyo umu Islamu afise abagore 2, 3 canke 4 asavye kubatizwa? Azoca yahukana n’abo bagore biyongeyeko? Hama abo bana bizogenda gute ko bava kubagore batandukanye?
  36. Kubera iki uwakijijwe avuye muri Islamu arongora umukristo asanzwe yizera ntarongore umu Islamu? Muri ivyo vyose inyungu izoba iyihe?
  37. Kubera iki aba Islamu bakijijwe kenshi batangazwa n’inyifato y’abarongozi n’abagize ishengero? Ni irihe banga ry’impwemu mumubano rukristo
  38. Ni ayahe makosha mu nyifato y’uwakijijwe avuye muri Islamu ishobora kubabaza abakristo bakurikiza urutonde?
  39. Uwakijijwe azoharigwa kangahe amakosha yiwe mu gihe yoba agifatwa nk’umukristo w’ukuri?
  40. Ni irihe banga ridasanzwe ryamahirwe mugushikira aba Islamu? Kubera iki gukurikirana igihe kinini bisahura kuruta kubashikira?

Umuntu wese yishuye ibi bibazo ararekuriwe gukoresha ikindi gitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu munyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagutuma, akagukomeza, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwawe kwose!

Abo musangiye umurimo,

Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:

info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 16, 2022, at 10:01 AM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)