Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":
Home -- Kirundi -- 01. Conversation -- 5 Miracles of Christ
This page in: -- Arabic? -- Cebuano -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Hausa -- Igbo -- Indonesian -- KIRUNDI -- Russian -- Somali -- Telugu -- Ukrainian -- Uzbek -- Yoruba

Previous booklet -- Next booklet

01. Ikiganiro n’aba Islamu kuvya Kristo

5 - IBITANGAZA CUMI VYA KRISTO MURI KOROWANI

Ni gute twokoresha ivyo Korowani ivuga kuri Kristo ?

Korowani ivuga ko Kristo yakoze ibitangaza. Mbega ibitangaza 10 vya Kristo muri Korowani ni ibihe ? Ni gute vyokoreshwa mu gusangira n’aba Islamu ivya Kristo ? Tubirabe twize kano gatabu.



5.01 -- Ibitangaza cumi vya Kristo muri Korowani

Ni gute twokoresha ivyo Korowani ivuga kuri Kristo ?

5.02 -- Ibitangaza vya Kristo- Ikimenyetso c’igikorwa c’ubumana Bwiwe ?

Muhamedi yashaka kwigarurira abakristo bo mu kigobe c’abarabu ngo binjire muri Islamu. Maze aca abashingira intahe y’ivyo yumvise kubijanye na Kristo abibwiwe n’abaja b’abakristo, abatwara amashengero yo muri Yemeni ya ruguru, ingenzi zava muri Etiyopiya ndetse n’abagenzi biwe b’abakristo b’aba Hanif. Muhamedi yahimbawe n’umuhungu wa Mariya n’ibitangaza yakoze. Yatahuye ko ibitangaza vyiwe vyari birengeye ububasha bw’umuntu gutyo aca abifata nk’ibimenyetso (bayyinaat) vy’ububasha bw’ubumana Bwiwe (Sura al-Baqara 2:87, 253; al-Ma'ida 5:110; al-Zukhruf 43:63; al-Saff 61:6).

Muhamedi yerekana ibitangaza icenda Mose yakoreye muri Egiputa, ivyo yise kandi ibimenyetso (Suras al-Baqara 2 :99; al-Asra' 17:101). Ariko ibitangaza vya Mose vyari urukurikirane rw’ibihano Allah yateje abanyegiputa kugira bakure abana ba Yakobo mu buja barimwo. Ibitangaza vya Kristo muri Korowani vyovyo biboneka mu buryo bwiza ari umuhezagiro wava kuri Allah kugira bikomeze kurongora ab’Isirayeli ngo bizere bongere bubahe “Isa”.

Muhamedi ntiyashimishijwe ubwiwe no kubona atashoboye gukora n’igitangaza haba mu nzira nziza canke mbi. Ntiyashoboye gutahura icatumye abayuda benshi barakomantaje imitima gushika aho batemera ibimenyetso vyo ku rwego rwo hejuru vy’umuhungu wa Mariya, ariko bakamuhakana, bakongera bakamwanka.

5.03 -- Ibimenyetso vya Kristo (bayyinaat)

● Muri Sura al-Baqara dusoma ngo “Isa” ntiyari gushobora gukora ibitangaza adafashijwe na Mpwemu w’Uwera (Sura al-Baqara 2:87). Muhamedi yiyumvira ko Allah yarungitse Jibril (Gaburiyeli) kugira ngo akomeze umuhungu wa Mariya ashobore gukora ibitangaza vyiwe bihebuje. Muhamedi yavuze akoresheje iki cemezo ko Kristo atagitangaza na kimwe yari gushobora gukora ubwiwe. Kugira ngo abikore yakenera ubufasha buturutse ku ntumwa ya Allah, uwo yaciye yita Impwemu y’Uwera.

Iri zina risobanurwa nabi kenshi ko ari nka “Mpwemu Yera”. Muri Korowani, Allah ubwiwe ni “Uwera” kandi mpwemu ni umuja wiwe gusa. Impwemu y’Uwera ubwayo si iyera kandi nta kamere k’ubumana ifise. Ni icaremwe c’Imana ishobora vyose. Iyi mpwemu yo muri Korowani ntikwiriye na gato kwitiranywa na Mpwemu Yera dusanga mu Butumwa Bwiza naho bishoboka Muhamedi akaba yibaza ko iyo mpwemu y’Uwera yariyo Mpwemu Yera vy’ukuri yashoboza umuhungu wa Mariya. Uku niko Muhamedi yamenye mu buryo butihuse ubumwe bw’Ubutatu Bweranda, kubera muri Korowani aba batatu- Allah, mpwemu wiwe na Kristo- bakorera ibitangaza hamwe!

Muhamedi ntiyari gutahura ko abayuda bihakanye ibimenyetso vy’intumwa za Allah, ariko yaciye abita ababeshi ndetse yongera yica bamwe muri bo (Sura al-Baqara 2:87)!

● Muri iyo Sura nyene (al-Baqara 2:253) Muhamedi yavuze ko hari itandukaniro rinini hagati y’intumwa za Allah. Yahitamwo umw’umwe kandi akamuha ikibanza co hejuru. Mose yavugana nawe uko ashatse ivyo itakoze kuri Muhamedi. Muhamedi yaronse ivyo yise ihishurwa biciye ku mpwemu itazwi, iyo yahavuye yita mu nyuma Jibril (Gaburiyeli). Muhamedi ubwiwe ntiyigeze abona Allah canke ngo amwumve! Ntakiganiro ubwiwe yagiranye n’Imana.

Kubwa Korowani, Allah yashize Umuhungu wa Mariya hejuru kurusha Mose kuko yamuhaye ibimenyetso bidasanzwe (bayyinaat) ashobojwe na mpwemu w’Uwera. Muhamedi ntiyanezerejwe n’ukubona hamaho intambara zurutavanako z’abayuda n’abakristo ndetse n’ukwicamwo ibice kandi bari bagiriwe ubuntu (Sura al-Baqara 2:253). Yabonye ukwo kudahuza nk’itegekenywa risumba ayandi rya Allah biciye mw’ishirwaho rya Islamu nk’izindi nkomezi zizonesha iyo migwi ibiri y’abagwanyi. Muhamedi ntiyamenye ko hambavu y’ibikorwa vyiza, Umwana w’Imana yabambwe agatsindanishiriza abanyavyaha yazanywe n’intumbero nyamukuru yo gukuraho indyane zari hagati y’abayuda n’abakristo. Aba Islamu n’abayuda rimwe na rimwe barahuza kurusha abakristo n’aba Islamu!

● Muri Sura al-Ma'ida dusoma rimwe mu majambo ane ya Allah abwira Kristo muri Korowani (Sura al-Ma'ida 5:110). Avuga ati: "Wibuke ukuntu nakugiriye ubuntu na mama wawe hamwe na gushoboza n’mpwemu y’Uwera.” Rero kurikira urukurikirane rw’ibitangaza vyinshi vya Kristo ivyo Allah yerekanye kugira ngo azitirire “Isa” yoye kwicwa n’abana b’ab’Israyeli, naho yari yaje akora ibimenyetso biboneka (ayyinaat). Ariko baramwanse bavuga ko “ataco ari atari ubupfumu!”

Biboneka kandi ko muri uwu murongo Kristo yari yahawe ndetse yongera afashwa na mpwemu wa Allah. Muri Korowani ibi vyemeza ko Umuhungu wa Mariya atakamere na kamwe canke ubushobozi bw’Imana afise. Kurundi ruhande ariko, Muhamedi avuga ukutiganwa kw’ibitangaza vya “Isa” kandi akavyita ibimenyetso vy’ububasha bwiwe, yahawe na Allah. Muhamedi ntiyari gutahura ukwicisha bugufi kwa Kristo igihe yiyanka ubwiwe muguha icubahiro cose Se wiwe mu kuvuga ati “Ntaco Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora, kukw’ivyo Se akora vyose n’Umwana aca abikora kuno." (Yohana 5:19)

● Muri Sura al-Zukhruf dusoma intumbero y’insiguro y’ibitangaza vya Kristo (Sura al-Zukhruf 43:63): Yegereye abayuda mu “bwenge” kugira ngo abugurure amaso babone ko yazanwe n’indyane n’ukudahuza vyabo. Vyoshoboka Muhamedi akaba yarumvise inyigisho za Yesu muri Matayo 7:1-28 biciye mu kwumva ivyavuzwe kera, aca asigura amajambo ya Kristo nk’inguvu yazananye zo guhuza iyo migwi ibiri yari isanzwe yankana. Ni muri iyo nzira, “Isa” yaciye abasaba kwubaha no kwitondera ivyagezwe vyiwe.

● Kubwa Sura al-Saff, “Isa” yaje kwemeza abisirayeli ko Torati itasibanganijwe (Sura al-Saff 61:6). Iyi nsiguro idasanzwe y “ukuza kwa Isa” iduha akaryo keza ko kwereka aba Islamu ko Bibiliya itahinduwe kuko kubwa Korowani, igikorwa ca mbere nyamukuru ca Kristo kwari ukwemeza ko Torati itagira ikosha.

Naho bimeze uko, kubwa Korowani intumbero nyamukuru y’ukuza kwa Isa, intumbero ya nyuma y’ibitangaza vyiwe yari isezerano Umuhungu wa Mariya yahishuye ko nyuma yiwe hazoza iyindi ntumwa ishizwe hejuru izorungikwa na Allah. Muhamedi yakoresheje ubu buvugishwa mukuvuga ko “Isa” yavuga we. Kuva ubwo, aba Islamu barondeye aho izina rya Muhamedi ryoba rinyegeje muri Bibiliya aho mu mvugo risobanura “Uwushimagijwe”. Abagira ico bavuze benshi ku nyandiko z’aba Islamu bemeje ko Muhamedi ari Parakletos yasezeranywe, Impwemu y’Umufasha. Kugira ngo bahuze iri jambo y’ikigiriki na Muhamedi, aba Islamu bahinduye indome zivuga za Parakletos muri Periklytos, bisigura "Uwubashwe cane". Icavuyemwo, aba Islamu bagirije abakristo ko banyegeje bongera basibanganya ubuvugishwa bwa “Isa” bujanye na Muhamedi mu butumwa bwiza canke ko bahanaguye izina ryiwe muri Bibiliya.

5.04 -- Ibimenyetso bitangaje vya “Isa” na Muhamedi ('aayaat)

Mu mirongo itatu muri Korowani ibitangaza vya Yesu vyitwa ibimenyetso (‘aayaat) vy’igikorwa c’ubumana bwiwe (Suras Āl 'Imran 3:49.50; al-Ma'ida 5:114). Ijambo Muhamedi yakoresheje kurivyo rishobora kandi kuboneka mu butumwa bwiza bwa Yohana ryerekana ibitangaza vya Yesu. Handitswe ngo, “Iryo niryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze, yerekana ubwiza bwiwe.” (Yohana 2:11+12) Abantu benshi bamwizera bamaze kubona ibimenyetso akoze (Yohana 2:23). Amaze gukiza umuhungu w’umugabisha w’ingabo, Yohana yaciye yita ukwo gukira ikindi kimenyetso Yesu yakoze (Yohana 4:54). Abantu bamaze kubona ikimenyetso c’ukugaburira abantu 5000, bavuze bati: N’ukuri uyu niwa muntu avugishwa n’Imana yari akwiye kuza.” (Yohana 6:14). Naho biri uko, Yesu amaze kubona ko baje bamurondera ngo bamwimike nk’Umwami kubw’igitangaza yakoze co kubagaburira imikate, yaciye abavamwo arigira.

Yesu ntiyakoze ibimenyetso kugira ngo abantu bamwizere ariko ngo bamenye urukundo rwiwe, ububasha bwiwe, n’ubushobozi bw’ububana bwiwe. Yesu ntiyashaka abantu bamukurikira kubw’ibitangaza, ahubwo nyabuna yaba abitezemwo ukwihana n’uguhinduka basha. Yesu yaburiye abantu ababwira ati: “Iyo mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza ntaho mwizera namba (Yohana 4:48).” Dusoma kenshi mu Butumwa bwiza Yesu yihanikiriza abo yaba yakijije ngo ntibavuge ikintu na kimwe kuvyabaye (Matayo 9:39; Mark 3:12; 5:43; 7:36; Luka 5:14; 8:56; 9:21).

Yesu amaze guhamwa no kugirirwa nabi mu kwicwirwa i Yerusalemu, abantu benshi bashaka kubona ibitangaza baciye bamuhunga. Abigishwa gusa bari baratuye ivyaha vyabo imbere ya Yohana umubatizi ndetse n’ubwibone bwabo bugacishwa bugufi n’ukwihana, nibo bagumye ari abizigirwa kuri Yesu. Babonye ubwiza bwiwe ndetse n’igihe yahamwa, akongera akicwa urupfu rwo ku musaraba. Igihe abayuda bamugeza mu kumusaba ikimenyetso cerekana ububasha bwiwe n’igikorwa ciwe, Yesu yabishuye ati: “Musambure uru rusengero nzogwubaka mu misi itatu!” (Yohana 2:18-22), aca yongerako kandi ati: “Ab’urunganwe rubi barondera ikimenyetso; kandi nta kimenyetso bazohabwa, atar’ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.” (Matayo12:39-40; 16:4)

Ibimenyetso n’ibitangaza Muhamedi yerekanye kuri “Isa” muri Korowani bizana ukwizera Yesu yahakanye! Kubw’ivyo, ntidukwiriye gusigurira aba Islamu ibimenyetso vya Kristo ngo ni kubera ari ibitangaza, ariko dukwiye gushimikira ku gukomera kwiwe, urukundo, uguca bugufi ukwera n’ububasha vyiwe. Yesu ubwiwe azokwihesha icubahiro mu kwerekana ibitangaza. Ibitangaza nta cubahiro vyobahesha. Igitangaza cose c’ugukira kitotuma abantu bahinduka canke ngo bihane ntaco kiba camaze mu wizera Kristo.

5.05 -- Kristo yavuze akivuka

Dusanga muri Korowani incuro 3 inkuru itangaje y’Umwana wa Mariya yavuze akivukira mu bwato bw’inka. Ukuri gusa kw’uko kuvuga kwiwe kuri muri Korowani incuro 2 (Suras Āl 'Imran 3:46; al-Ma'ida 5:110), ibigize ivyo yavuga bishobora kuboneka mu buryo bwagutse muri Sura Maryam (19:24-33).

Ukutizera inkuru y’uko umwana “Isa” akivuka yoshobora kuvuga neza, bisigurwa mu buryo butandukanye n’abantu bama batanga ivyiyumviro bitandukanye kuvyanditse muri Korowani. Bamwe bavuga ko “Isa” vyasavye gusa iminota, abandi amasaha kugira ngo ashobore guvuga indome, amajambo n’amungane atakosa ririmwo. Bavuga kandi ko ubwonko bwiwe bwateye imbere kuva akivuka, ugutahura kwiwe, ibigumbagumba n’ubushobozi bwiwe vyagwiriye muri we mu mwanya muto.

Kuki abavuga ivyiyumviro kuvyanditse vy’aba Islamu bizera bakongera bagaharira kuri vyo? Basoma muri Korowani ko Kristo ariwe “jambo wa Allah”. Mushobora vyose yamwigishije Torati, imigani ya Salomo, Ubutumwa bwiza n’igitabu ca mbere kiri mw’ijuru imbere y’uko avuka (Sura Āl 'Imran 3:48). Yavutse yuzuye ubumenyi, ubwenge n’ubushobozi bwo kuvuga. Yavuga ijambo rya Allah umwanya wose kuva avutse gushika apfuye. Yari ameze nk’uwutanga ihishurwa rivuye ku Mwami wiwe.

Korowani iremeza ko Umuhungu wa Mariya atari umuntu asanzwe ariko impwemu ya Allah mu buryo bw’umubiri. Yamanutse avuye mu bakikije Uhoraho (Sura Āl 'Imran 3:45) kandi afise ubumenyi buhambaye n’ububasha bwo mu buryo bw’impwemu burengeye umuntu wese apfa.

Izo mvugo ziri muri Korowani ziri hafi cane n’ugutahura kw’abakristo kukwigira umuntu k’Umwana w’Imana mu Butumwa Bwiza. Ariko muri bwo, Yesu yavutse nk’abandi bana azingirirwa mu mpuzu. Nyina Mariya ntiyigeze abwira Luka, umugiriki w’umuganga ibijanye n’uko umwana wiwe yoba yaravuze neza ahejeje kuvuka kuko nk’umwana ntiyari gushobora kuvuga kandi yari akeneye umwanya wo kubanza gukura (Luka 2:40,52).

Mbega iyi nkuru bigeneye yaturutse hehe? Mu vyanditswe bitemewe kuja muri Bibiliya bivuga ivy’ Ubutumwa Bwiza bw’ubwana bwiwe vy’abakristo b’aba kopte b’abasiriya niho dusanga bimwe vyo muri izo nkuru. Abakenyezi barakoresha ibihozo bivuga ivya Yesu baririmbira abana babo kugira ngo basinzire. Inkomoko zivuga ukuvuga kwa Yesu akiri umwana zirazwi mu buryo bwagutse uno musi.

Muhamedi yumvise inkuru z’abana azibwiwe n’abaja b’abakristo b’aba kopte bo muri Siriya aca arazizera! Yaravyizeye gusumba abatanguje ishengero, batigeze bashira ibitito n’imigani mw’iyemezwa rya Bibiliya kuko bitabaye. Muhamedi aboneka nk’uwarondera kumenya ukuri vyoroshe, ariko ntiyari umuvugishwa n’Imana. Ntiyashobora gutandukanya ukuri n’imigani.

Twihweje ukwo kwita ko umwana wa Mariya yavuze akivuga (Sura Maryam 19:24-33), ngo umwana yashaka mbere ya vyose guhoza nyina wiwe kuko yari yamuvyaye ataragenda kurongorwa. Yari azi ko yari guterwa amabuye. Kubw’ivyo uwo mwana “Isa” aca amutera intege ko yavyaye umuntu adasanzwe amuvyariye mu bugaragwa munsi y’igiti c’ikigazi.

Mu carabu, imvugo imwe gusa ikoreshwa kubijanye n’umuntu adasanzwe ni suriyun, mu bwinshi ikaba ari surawaa’, asriyaa' canke saraat (yose akafise inkomoko mu carabu S-R-W). Ariko abasomye Korowani bababaye baciye bahindura amajambo avuga n’insiguro y’iryo jambo mu “ikigiriki gike canke ukwihanganira” (aho mu carabu ari sariyun) barikuye mu nkomoko yaryo S-R-Y iri mu bwinshi asriyat canke suryaan. Abasomyi b’aba Islamu barashavuye cane kuko “Isa” akimara kuvuka yashizwe hejuru kurusha Muhamedi, gutyo baca bahindura biboroheye indome zivuga n’insiguro abikuye ku kuba “umuntu atandukanye n’abandi mu kumugira uwusanzwe”, naho insiguro batanga zitagira agaciro.

Uwo mwana aca abwira nyina wiwe kunyiganza igishitsi c’igiti c’ikigazi ngo acandikeko amagenekerezo ubwiwe kugira ashobore kugarukana inkomezi nyuma y’imibabaro ahejeje kwibaruka. Mbega abimukira! Abantu benshi ntiboshobora kunyiganza igiti c’ikigazi. Ni gute rero umukenyezi akiri muto ahejeje kwibaruka yoshobora kubikora? Mu gihe ca Muhamedi, ubuzima bw’abimukira bwari bugoye, bikongerekana ku bakenyezi n’abavyeyi.

Mu kurangiza ijambo ryiwe rya mbere, “Isa” yabariye nyina wiwe ivyo azokwishura umuntu wese azomubaza inkomoko y’uwo mwana yavutse yuko yasezeraniye Allah nyenimbabazi ikintu gikomeye ko atavugana n’umuntu wese uwo musi. Uko niko iciyumviro ca mbere uwo mwana avutse “Isa” yigishije nyina wiwe cari umutego, ububeshi, ikinyoma kugira ngo amukize amabi yari kumushikira.

Iyo nkuru yabandanije kandi yerekana ukuntu umwana avutse yagwaniriye nyina wiwe kubw’ishavu abanyagisagara bari bamufitiye mu kwiyerekana ubwiwe ko ari umuvugishwa yahezagiwe mw’ijambo ryiwe rigira kabiri muri Korowani.

Uwo kwihweza iyi nkuru afise intumbero azobona ko harimwo ukwitiranya inzozi n’ukuri kandi bica bihinduka ntabanduka mu mutwe wa Muhamedi. Korowani yose ishira hamwe ukuri n’imigani.

5.06 -- “Isa” Uwaremye inyoni

Mu nkomoko y’ivyo vyanditswe bitemewe muri Bibiliya kandi, dusangamwo iyindi nkuru: Umwana “Isa” yaremye inyoni mu vyondo, arayihumekeramwo aca arayigurura! (Suras Āl 'Imran 3:49; al-Ma'ida 5:110). Ariko kubera bishobora kuzana ingaruka zitatu, twari dukwiye kumera nk’abirengagiza iyi nkuru y’ikinyoma y’Umuhungu wa Mariya.

Muri Sura Āl 'Imran “Isa” abwira abana ba Israyeli, “Nzobabumbira ikimeze nk’inyoni ndagikuye mw’ivu.” Muri Sura al-Ma'ida inyuma y’iduzwa mw’ijuru rya Isa, Allah yemeje, “Waremye ikimeze nk’inyoni kivuye mw’ivu!” Iki gitangaza cemezwa muri kubu no muri kahise muri Korowani, rimwe na “Isa”, rimwe na “Allah” ubwiwe. Uko kuvyemeza kabiri kose bituma igisomwa kigira agaciro.

Muri ivyo bice vyose, twumva ko “Isa” yari ashoboye kurema inyoni nzima ayikuye mu kintu kitagira ubuzima. Mu carabu, ijambo “kurema” (khalaqa) ryerekeza kuri Allah gusa, Umuremyi yaremye vyose abikuye mu busa. Ariko iri jambo ridasanzwe kandi ryakorehejwe kuri “Isa”. Kubwa Korowani, niwe muntu wenyene, yari kuba Umuremyi kandi agashobora guha ubuzima icapfuye. Kristo aboneka muri Islamu nk’umuremyi.

Naho biri uko, Muhamedi yagabanije icubahiro ciwe ku Mwana wa Mariya aca akoresha ijambo “kubw’ubugombe bwa Allah!” Amajambo menshi muri Korowani ajanye n’ibitangaza vya Kristo. Kubw’ivyo, dushobora kubaza aba Islamu babikekeranya ati, “Woba wizeye ko Kristo kubw’ubugombe bwa Allah, yari ashoboye kurema inyoni ayikuye mu kintu kitagira ubuzima?” Inyishu ishobora kuba “Egome.” Korowani ivyemeza incuro zibiri!” Gutyo rero dushobora kumubwira duti Umuhungu wa Mariya niwe gusa yari umuremyi- abirekuriwe na Allah!

Iyi nkuru y’ibitangaza vyo mu bwana bwiwe irafise ikindi kintu gitangaje. “Isa” yashize inyoni yabumvye mw’ivu ku munwa aca arayihumekerako. Nuko iryo vu rihinduka rizima maze riva mw’inyoni ica iraguruka. Kubwa Korowani, Isa yari afise impwemu itanga ubugingo muriwe- abirekuriwe na Allah ariko!

Muri Bibiliya, Imana yahumekeye “impwemu y’ubugingo” muri Adamu. Ukwo niko umuntu wa mbere yaremwe (Itanguriro 2:7). Mw’ijoro rya Pasika, Yesu yahumekeye kubigishwa biwe bari bafise ubwoba ariko kandi banezerewe cane, ababwira ati, “Nimwakire Mpwemu Yera!” (Yohana 20:22), Gutyo abamukurikira basubizwa ubuzima, kuko Kristo ari impwemu itanga ubugingo (1 Ab’i Korinto 15:45).

Naho bimeze uko, Muhamedi ntiyageze kure cane kuri iyo nkuru. Igihe “Isa” yahumekera mu gikoresho kitagira ubuzima, nticahindutse umuntu canke umwana w’Imana avutse ubwa kabiri, ariko cabaye nk’inyoni! Muhamedi ntiyigeze yubahuka guhakana ko Yesu muri we atari afise impwemu itanga ubugingo y’umuremyi.

Inkuru yo muri Korowani y’ukurema inyoni bamwe mu batanga ivyiyumviro ibarya mu mutwe, kuko “Isa” yari ashoboye kurema inyoni nzima ayikuye mu kintu gipfuye, naho yaba yahawe uruhusha na Allah, rero biboneka ko yari arengeye abantu bose harimwo mbere na Muhamedi. Rero bamwe mu batanga insiguro, banditse bati “Isa” yashaka kurema igikoko c’amaguru ane canke inyoni iguruka ariko vyose ntivyakunze neza. Icavuye muvyo yakoze cari gusa “agahungarema” atari inyoni canke isiha, ari carimwo vyose.” Dushobora kubishura kuri ivyo bavuga, “Agahungarema nico gikoko gusa kiguruka kakaba ari agakomeye kuko gafise uruyogoyogo rwinshi mu munwa wako, ndetse kakaba gashobora no kuguruka mw’ijoro nk’indege isanzwe!”

5.07 -- ‘’Isa’’ Uwahumuye impumyi

Nyuma y’ivyo bitangaza bibiri bidasanzwe vya “Isa” ivyo Muhamedi atahaye agaciro kuko yabikuye muvyanditswe bitemew muri Bibiliya vyo mu Butumwa Bwiza buvuga ivyo mu buto bwa Yesu, dusoma inkuru z’ivya Kristo zemezwa na Allah ko “Isa” yarashoboye gukiza impumyi nyinshi (Suras Āl 'Imran 3:49; al-Ma'ida 5:110).

Muri izo nkuru, twumvamwo imbabazi za Kristo ku batuntuye badashobora kubona umuco w’izuba bagashima kwigumira mu mwiza. Kubwa Korowani, Umuhungu wa Mariya ntiyakoze ibimenyetso kugira ngo yerekane canke ngo yironkere abami n’abaganwa ariko kuko yashaka gufasha abagwaye, abababaye n’abakumiriwe mu kibano, imbabazi n’urukundo Vyiwe n’ivyo vyatuma akora ibimenyetso.

Ijambo ry’icarabu rijanye no “gukiza” (bari'a) muri Korowani rijanye n’ijambo ryo “gutsindanishiriza” canke “kweza”. Hamwe ubugwayi bwofatwa nk’igihano Allah azana kubwo kunyegeza ivyaha, rero Kristo ntiyakijije ubugwayi gusa ariko kandi yahangana n’icateye iyo ndwara.

Yesu ntiyahumuye impumyi akoreheje imbugita canke agati ko gutosora canke ngo akenere umuti n’umwe, urukingo ariko yabakirisha ijambo gusa. Ntiyakoreheje ubupfumu, guhamagara imizimu canke impwemu mbi ariko yaha umwidegemvyo abababaye, abatuntuye abakuye mu mwiza kubw’ubushobozi bw’ijambo gusa. Egome, Muhamedi yavyongeyeko ati: “Kubw’uruhusha rwa Allah!” Kubera uko rero, ntan’umwe yomenya ububasha n’urukundo vya Yesu Kristo arabiye mu gitabu c’ubuhakanyi c’aba Islamu.

Muri Korowani, umu Islamu ntashobora kumenya vyinshi k’ukuntu, hehe, ryari canke ngo ni bande Yesu yahumuye amaso yabo. Kubw’ivyo, izo ntahe zikeneye abantu bavyiboneye mu Butumwa Bwiza. Dushobora gukoresha ivyo bisomwa kuba Islamu babishimye, ariko ntabe ari twebwe tubasomera izo nkuru, ariko tukabatera intege ngo bazisomere kugira bashobore gukuraho amakenga, bagafata nkama ivyanditse vyera, bakongera kandi bakibonera n’amaso yabo Yesu mu mitima yabo. Gutyo bazomenya ko Yesu atategetse n’umwe ngo yemere ko yomufasha canke ngw’amukize, ariko ko yarindira gushika aho umugwayi yiyizira kuri we akamusaba ngo amufashe. Yesu yashaka guha akaryo abababaye ngo abakire ar’uko babanje kuvyisabira. Yabakangurira kumwizera no kwizera ko ashoboye vyose, kugira ngo abaruhure. Ni gake ugukira vyashitse umuntu atarizera umuganga w’abaganga bose Kristo ntiyakoresheje inguvu ngo umuntu wese yakire ubuntu bwiwe, ariko yashira muribo ubushake, ukwizera no kumukunda nk’Umucunguzi wabo. Yesu yerekana ico umuntu asabwa kugira ngo akire mu kuvuga gusa, “Ukwizera kwawe kuragukijije.” (Matayo 9:22; Marik 5:34; 10:52; Luka 7:50; 8:48; 17:19; 18:42). Ibi vyose ni ibintu bitangaje kumu Islamu. Ntabwo azi Umukiza canke Umufasha. Kwizera Kristo, Umucunguzi wiwe bikwiriye kwigishwa kugira ngo bigwire muri we mu buryo bw’impwemu.

5.08 -- “Isa” Uwahumanuye abanyamibembe

Muri Korowani, hari intahe z’inkuru zibiri zijanye n’uguhumanurwa kw’abanyamibembe na “Isa” kandi na Allah yemeza ivyo bitangaza (Suras Āl 'Imran 3:49; al-Ma'ida 5:110). Mu carabu kubanyamibembe bahumanutse ni rudende, ariko bigasigurira hamwe abo bantu bahumanutse muri bwinshi. Kimwe no ku mpumyi, ntibisigura igitangaza kimwe, ariko urukurikirane rw’ugukiza gutangaje Kristo yakijije abanyamibembe.

Hamwe woba warahuye n’umuntu agwaye nk’uko mu Buhinde, atagira intonke, ishusho yiwe yahindutse ukundi, akiruka agenda gusaba utwo afungura kubituro, woca utahura urukundo rurengeye rwa Yesu, ubukuru bwiwe n’intsinzi y’ubwoba vyo kwumva ko yari kwandukirwa. Ntiyigeze yirukana abanyamibembe naho bari bahumanye, ariko yavuganye nabo yongera akora kuri bamwe muri bo. Yabashiriyeho ikiraro co kwizera kugira ngo bashobore gutahura: Uwo Yesu ankunda nka jewe ubwanje! Kristo akomeye cane kurusha imibembe! Ashobora kandi azonkiza (Matayo 8:1-4; Marik 1:40-45; Luka 5:12-16). Yesu amaze guhumanura abanyamibembe cumi yari abitezeko ko baca bagira ukwizera kurengeye ukw’abandi. Bizeye uwavugana nabo mu rukundo rw’Imana bumva muri we (Luka 17:11-19).

Inkuru z’ivya Korowani ni ivyabaye muri rusangi zikeneye umuco uvuye mu butumwa bwiza twongeyeko n’intahe zacu bwite: Ko yatwogeje ivyaha vyacu vyose n’ukugabitanya. Kuvyo guhumanurwa kw’abanyamibembe bishobora kwongerwako ku mbabazi za Yesu. Mu bihugu bimwe bimwe, hagwiriye aba Islamu, imibembe ifatwa nk’igihano ca Allah gihabwa abamugwanya canke abafise ivyaha banyegeje. Inkuru ijanye n’ugukira kw’ikimuga muri Bibiliya ishobora gufasha ngaha. Yari yiteze ijambo “ugukira” riva muri Yesu, ariko yabwiwe ati: “Humura, ivyaha vyawe urabihariwe!” Igihe abanyabwenge b’ivyanditswe bariko baravuga ko Yesu arogose, yaciye abahindukirira ababwira ati: “Niki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu? None icoroshe ni ikihe, n’ukuvuga nt’Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ukuvuga nti Vyuka, ugende? Ariko kugira mumenye ko Umwana w’Umuntu afise ububasha mw’isi bwo guharira ivyaha- bun’abwira ikimuga, ati vyuka wikorere inderuzo yawe, utahe." (Matayo 9:1-8).

5.09 -- “Isa’’ Uwazuye abapfuye

Iyo usomye iryungane rito muri Korowani ryemezwa incuro zibiri ko Yesu yashobora kuzura abapfuye, woca ugwa igihumura (Suras Āl 'Imran 3:49; al-Ma'ida 5:110). Muri iyo mirongo ibiri usangamwo bwinshi, atari rudende! Mu carabu bisigura ko Kristo yazuye abarenga babiri canke batatu. Ni vyiza kumenya imirongo yo mu Butumwa Bwiza aho Yesu yazuye umwana, umusore canke abakuze mu bapfuye, ugaca usomera ivyo bice hamwe n’aba Islamu babishimye (Matayo 9:18-26; Mariko 5:21-43; Luka 7:11-17; Luka 8:40-56; Yohana 11:1-45).

Korowani ikoresha amajambo abiri atandukanye kubijanye no kuzurwa mu bapfuye na Kristo. Muri Sura Āl 'Imran (Sura Āl 'Imran 3:49) havuga,
"Abapfuye nzobagira bazima kandi."
Mu wundi murongo (Sura al-Ma'ida 5:110) Allah yemeza,
“Wahinduye bazima abapfuye, ubakuye mu mva zabo!”

Nimba uzi umu Islamu ashobora kukwereka ugushaka kumenya Kristo, ushobora kumubaza ushimikiye kuri izo ntahe zibiri, ati “Ninde ashoboye kuzura abapfuye?” Kenshi bazokwishura ko atawundi atari Allah. Iyo ubajije kandi uti, “Uriko uravuga ko kubera iyi mpamvu na Kristo ari Allah kubera yashubije ubuzima nimiburiburi abantu batatu? Bazokugabisha bavuga bati, “Ndakwikinze muri Allah!” Ubandanije kubaza, “Ariko muri Korowani ushobora gusangayo imirongo ibiri aho Kristo yazuye abapfuye,” bashobora kuguha inyishu haciye akanya, “ariko bakayiguha bakoresheje ijambo, yabikoze ndamuhaye uruhusha!” Kristo ntiyari ashoboye kuzura abapfuye. Kubw’ivyo, Allah yamurungikira Jibril kugira ngo amukomeze mu gushira mungiro ibimenyetso vy’ibitangaza vyo kuzura abapfuye ngo biheshe Allah icubahiro!”

Iyo ubandanije kubaza mu bwitonzi, “Rero wizeye ko Allah, Mpwemu w’Uwera n’Umuhungu wa Mariya bose hamwe bazura abapfuye?” Azishura atiyumviriye, “Egome ivyo bihishuwe muri Korowani.” Gutyo ushobora kwishura, “Rero urizeye ugukorera hamwe k’Ubutatu?” amaze kubihakana, iki gishobora kugushitsa ko Korowani yemeza ubumwe bw’Ubutatu mu gukora, naho itavyemeza mu mpwemu no mu buryo bwagutse. Ntibikwiye ko umu Islamu yemezwa n’ivyo tubabwira twese. Ariko bishobora kumufasha kwumva ibindi bintu bishasha Korowani yemeza, kugira ngo ashobore gutangura kwiyumvira mu bundi buryo atahorana.

Igikorwa c’uko Umwana wa Mariya azura abapfuye kiratangaje kuko ushobora kwibaza ubwawe icoba caratumye Muhamedi ashira muri Korowani inkuru yumvise ku bakristo. Ashobora kuba yarabikoze kugira yerekane ko Islamu ari idini rimeze nk’idini rukristo kugira ngo ashobore kuronka abakristo bemera ukwizera kwiwe.

Twizera ko intahe yiwe ku bubasha yari afise ku rupfu muri Korowani ishobora kuba nk’umwambiro kandi ikazokwugurura amaso y’aba Islamu ngo bashobore kumenya Kristo w’ukuri we afise ubugingo budashira muri we. Gutyo bazotahura ko Kristo ashobora guha ubugingo budashira uwo wese abumusavye. Icatumye Kristo azura abapfuye n’ugukangura abana bose ba Aburahamu, abayuda harimwo mbere n’aba Islamu: “Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’utumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’uburake bw’Imana buguma kuri we.” (Yohana 3:36; 1Yohana 5:12)

5.10 -- “Isa’’ Uwuzi vyose

Muri Sura Āl 'Imran dusangamwo umurongo utangaje aho “Isa” yabwiye abayuda ko yaje kubahishurira ivyo bariye mw’ibanga n’itunga banyegeje mu bigega vyabo.

Iyi nkuru atazwi neza isaba insiguro zitandukanye: Abayuda benshi ntibitondeye amategeko ya Mose, kandi kenshi barira mw’ibanga ivyo bari babujijwe. Abandi ntibisonzesha bakurikije uko vyari bitegekanijwe mu misi kandi bagafungura mw’ibanga mungo zabo ivyo bashaka vyose. Vyongeye kandi baranyegeza itunga ryabo mu bigega hakubiha abakene n’impunzi baje bava i Maka.

Al-Suyuti, umu Islamu asigura: 'Isa nk’umuhungu yakinana n’abandi bana ababwira ati, “Ndashobora kubabwira ivyo abavyeyi banyu bariko barafungura mutari kumwe nabo, ndetse n’ivyo babanyegeje mw’ibanga.” Abo bana babajije ivy’ayo mahishurwa, abavyeyi babo baratangara bakabaza abana babo, “Ninde yababwiye ayo mabanga?” Iyo abana babo babishuye ko ari “Isa yabibabwiye, baca babihaniza gusubira gukinana n’Umuhungu wa Mariya bakabugaranira inyuma y’urugo.

“Isa abajije mu nyuma abavyeyi impamvu atasubiriye kubona abagenzi biwe, yabwirwa ko muri uwo mwanya batari muhira. Mu gihe Isa yabishura, “ariko nashoboye kubumva bavuza urwamo inyuma y’urugo”, bamwishura bati, “Ni ingurube gusa zari zishonje.” Gutyo, Isa yabihweza ababaye, akabishura, “Muvuze ukuri!” Zari ingurube gusa zanyu zavuza urwamo inyuma y’ingo zanyu.” Mu gihe abavyeyi bagenda kuraba abana babo, ijambo “Isa” yaba yavuze ryahindutse ukuri. Abana babo bose baba bahindutse ingurube!

Iyi nkuru ntoya yavuye mu vyiyumviro vy’ububeshi yavuzwe ku bayuda batigeze bazigamira ingurube inyuma y’ingo zabo, no kuri Yesu kugira bitume abana babo bategera Yesu kubera yari gushobora kubahishurira ukuri kunyegejwe. Naho biri uko, iki gisomwa kiva muri Korowani cemeza ko Kristo ashobora kubona neza naho yorabira ku mpome z’inzu! Kubwa Muhamedi, yari afise “amaso hose.” Mu butumwa bwiza bwa Yohana, dushobora gusoma ko Yesu yari azi abantu bose. Ntiyari akeneye kubaza ivyabo umuntu n’umwe, “Kuko yari azi ikiri mu muntu.” (Yohana 2:24-25)

Muri uyu murongo, Korowani yerekana ko “Isa” azi vyose, ariko mu buryo bw’ikinyoma. Si imfungurwa zo mw’ibanga canke ubutunzi bunyegejwe Yesu yashira ahabona akoresheje amaso yiwe y’Umucunguzi. Yashira ahabona ivyaha vyo mw’ibanga akamenya ukuntu umuntu wese ashaka gutungana, kwezwa no kumenya ukuri. Yashaka gukiza, kweza no guhindura abantu bose ngo babe bashasha kandi ntiyashaka kubasahura ubutunzi bwabo.

Muhamedi yababajwe n’igwirirana ry’ingorane zari hagati y’impunzi zahunganye nawe bava i Maka n’imvukira z’i Medina. Abahunze bava i Maka baronka akazi gake, ntibagira amazu canke ngo bagire ico bahabwa n’imiryango. Kurundi ruhande, aba Islamu kavukire b’i Medina babandanya bibera abatunzi. Mu nyuma bahavuye babajana mu ngo zabo, babasezeranira ko bagiye kubafata nk’abavukanyi. Ariko ugushaka n’ukuri vyari kure cane. Abasanzwe bavuka ngaho bafungura imfungurwa nziza mu gihe impunzi zaba ziri hanze kandi n’abari bafise inzu banyegeza ubutunzi bwabo izo mpunzi. Muhamedi amaze kwumva iyo ngendo, aca ashaka kuronka uko yokwigarurira iryo tunga rinyegejwe. Gutyo aca avuga, “igihe Isa azogaruka azobabwira ivyo mwafungurira mw’ibanga n’ivyo mwanyegeje mu ngo zanyu kuko ashobora kubona vyose muri mwebwe.”

Dushobora kwiyumvira kuri iyi ntahe yo muri Korowani mu guha aba Islamu impanuro mu buryo bwa mpwemu tukabamenyesha ko twese dukeneye gupimwa no guhishurirwa n’urukundo rwa Yesu Kristo kandi biciye mu kuri kwiwe! Itunga n’amafaranga anyegejwe vy’abakristo bose bishobora gukwira kugira tubwire ubutumwa amahanga yose, mu gihe umwe wese yoreka kwicara kwitunga ryiwe.

5.11 -- Imfungurwa zavuye mw’ijuru

Muri Sura al-Ma'ida (5:112-115) dushobora gusangaho iciyumviro ca Kristo agaburira abantu 5000 mu buryo bwa Islamu. Tuzosobanura iki gisomwa uko kiri kugira uburyo Muhamedi avyiyumvira n’inyifato y’aba Islamu biwe bishobore gutahurwa nk’ishimikiro ryacu mu kuganira nabo:

112 "Ubw’abigishwa bawe bavuga bati, yewe Isa mwene Mariyamu we! Ese Allah umugenga wawe ashobora kutumanurira ivyo kurya bivuye mw’ijuru?"
Isa aravuga ati: "Nimutinye Allah mwirinde kungerageza niba muri abemera."

113 Baravuga bati: Turashyaka kurya kuri ivyo vyokurya kugira ngo tugire imitima ituje kandi ivyo watubwiye ari ukuri, birtyo natwe tube bamwe mu bahamya.

114 Isa mwene Mariyamu aravuga ati: Ayiii Yewe Allah umugenga wacu we tumanurire ibyo kurya bivuye mw’ijuru, kugira ngo bitubere umunsi mukuru n’ababanjye muri twe ndetse nyuma yacyu, kandi binatubere igitangaza kiguturutseho. Duhe amafungo kubera ko ari wowe uruta abatanga amafungo bose.

115 Allah aravuga ati: Muvy’ukuri, Njye ndabibamanurira, ariko uzahakana nyuma yivyo muri mwe gose njye nzamuhanishya igihano ntazahanishya undi uriwe wese mu biremwa “vyanjye!"

Kubijanye n’iyi nkuru yiyumviriye yo gufungurira abantu 5000 tuyivugako uku gukurikira:

● Kenshi Muhamedi yatandukanya abakristo arabiye ku gukura kwabo akabita abigishwa (abatanguzi), abafasha b’ibigumbagumba canke ingwanyi, abizera basenga, aba Islamu, abakurikira canke ivyabona (Āl 'Imran 3:52-53). Mu nkuru y’ukugabura imfungurwa zavuye mw’ijuru, Isa yavuganye n’abigishwa biwe nk’abatanguye.

● Muri Korowani, “Isa ubwiwe ntafatwa ko ari “Umwami”, ariko Allah ni Umwami wiwe. Isa aguma impande yiwe imisi yose.

● “Isa ahejeje kwigishiriza mu bugaragwa, abigishwa biwe baciye basonza. Ntibashoboye kurindira bihanganye gushika Isa abazanire imfungurwa, ariko “baramugerageje” basaba Allah Mushobora vyose ko yoshobora kubafasha. Ntibari bizeye vy’ukuri ukuntu abakunda abitwararitse ariko baramugerageza.

● 'Isa ntiyagejeje abigishwa biwe ngo bizere, ariko ngo batinye Allah. Ugukunda Imana n’ukuri kw’ukuntu atwitwararitse si inyigisho zihambaye muri Islamu, ariko ni ivyerekana vy’ukuri ko wishikanye kuri Allah ukanamutinya umwubashe cane rwose.

● Aba Islamu ntavyizeigiro vy’ugucungurwa bafise ndetse ntan’amahoro bafise muribo kuko nta Mpwemu Yera ari muri iri dini. Impwemu y’Uwera ifatwa ko ari Gaburiyeli, gutyo bigatuma aba Islamu bama barondera ivyerekana ukwizera kwabo. Bashaka kuba ivyabona vy’ibiri ku meza atari mu bikorwa vya “Isa”. Imeza n’ikiriko n’ivyo bintu nyamukuru baba biteze.

● Igitangaza, Umwana wa Mariya ntiyasenze Allah ariko Allahumma (Elohimu). Kubwa Muhamedi, iri zina nirwo rupfunguzo rwo kwishurwa kw’amasengesho ningoga. Elohimu ni ubwinshi kandi burimwo ubushobozi bw’Ubumwe bw’Ubutatu Bweranda. Muri Korowani, “Isa yita Imana yo mw’Isezerano rya Kera" IMANA (Allahumma) Umwami wacu". Ibi binyuranye n’ivyo Uhoraho yahishuriye Mose hamwe yamubwira, “Ndi Uhoraho, Imana yawe!” Muhamedi yagerageje gushira Imana yo mw’Isezerano rya Kera muri Islamu.

● Muri Korowani, Isa yise ivyo kurya bikuru bikomotse mw’ijuru umusi mukuru uhambaye ku muntu wese kuko umuto n’umukuru mu bigishwa ba Kristo bangana. Birashoboka ko mu vyiumviro vyiwe, Muhamedi yafashe ko ingaburo yera no gufungurira abantu 5000 ari ikintu kimwe. Yaciye yita iyi ngaburu nkuru ivuye mw’ijuru ikimenyetso c’igitangaza. Igice ca gatanu ca Korowani citwa “Ingaburo nkuru” (al-Ma'ida).

● Umuhungu wa Mariya yasavye kandi Allah ngo ahe abamukurikira uko bukeye imfungurwa zose zibakwiriye. Muri Islamu, ukwizera bisigura urudandaza (Sura Fatir 35:29-30) kandi bivamwo amahigwe aboneka. Allah si umuvyeyi ariko ni Sultani aha aba Islamu biwe iyo abishatse.

● Allah ubwo nyene yaciye yemera amasengesho ya “Isa” biba ikintu kidasanzwe muri Islamu. Isa agisenga, Allah yaciye atangura kumanurira ivyo kurya vyo kumeza yo mw’ijuru abigishwa biwe bari bashonje.

● Kurundi ruhande, ibiva mu gikorwa c’ibitangaza vya Isa” naho biri uko biteye ubwoba. Allah agirira nabi uwo wese atizera mu bigishwa biwe n’ibihano biteye ubwoba bikamubako muri iyi si ndetse no mu gihe kizoza. Iki gihano kiraba kadi aba Islamu shiti bizeye ibitangaza vya “Isa” nk’uko biri muri Korowani.

● Abatanga ivyiyumviro kuri Korowani baharirira cane ku buryo bw’imfungurwa ziri ku meza kurusha kuri kamere y’uwo atanga ingabire zo mw’ijuru. Aba Islamu bashaka kumenya nimba umuvinyu, ingurube n’izindi mfungurwa zibujijwe bazobifungurira muri paradizo, bibagiye kandi uwuzibarungikira ziturutse mw’ijuru. Benshi muri bo ntibazi ko yaba Umwana wa Mariya afise akaryo ko kuvugira abamukurikira.

● Iyo ubwiye aba Islamu ko Yesu yahagije abantu 5000 akoresheje udukate 5 n’udufi tubiri, ushobora kubona mu maso habo hahindutse kuko umukate n’ifi ntivyo kwemerwa nk’imfungurwa zihambaye zo muri Paradizo.

● Ariko ubarire abariko barakwumviriza ukoresheje iki ciyumviro ko Yesu yashimye kuri bike yari afise mu minwe yiwe maze bica bihinduka imfungurwa nyinshi. Gutyo ushobora gusigurira aba Islamu ko kuronka imfungurwa n’amahera atari ikimenyetso cerekana ukuri, ariko ko ukwizera gufatanije no gukenguruka bizozanira umuhezagiro benshi.

● Turazi ko Yesu ubwiwe ariwe shimikiro ry’iki gitangaza gusumba igwira ry’imikate. Umwami wacu atwizeza ko atanga ivyo kurya vya buri musi ku bantu bose bamukurikira, bakamwizera bagakenguruka kandi muvyo abahaye vyose. Ibi binyuranye n’ivyo Korowani yigisha. Ubuntu bw’Imana Data muri Bibiliya bushobora gusubirira ijambo ry’umuhuza Sultan arongora akongera akazimiza uwo agomvye.

● Ubutumwa budasanzwe bw’iki gitangaza ca Kristo muri Korowani ni ikimenyetso ko ariwe Muhuza wenyene w’Imana n’abantu. Niwe banga ry’ishimikiro muri iki gitangaza gihambaye ico umu Islamu wese ashobora gutahura iyo abishatse. Gusenga mw’izina rya Kristo birashoboka kandi no kuba Islamu. Kristo yadukinguriye umuryango wo gushika ku Mana. Nta nzira nimwe idushikana kwa Data tudaciye muri we. “Kuko hari Imana imwe, kandi har’Umuhuza umwe w’Imana n’abantu, nawe nyene n’umuntu, ni Kristo Yesu." (1 Tim. 2:5, Sura al-Anbiya' 21:28).

5.12 -- “Isa” Umucamanza wo mw’ijuru

Muri Korowani dusangamwo ibice vyinshi bishingira intahe ububasha bwa Kristo kuri Torati. Ibiri muri yo mirongo yita inyifato yiwe n’ukwo gufata mu minwe ivyanditswe vyo mw’Isezerano rya Kera ko ari ikimenyetso n’icemezo c’igikorwa c’ubumana bwiwe (Suras Āl 'Imran 3:50-51; al-Ma'ida 5:46-47; al-Zukhruf 43:63). Izi ntambuko zikurikira z’ico gitangaza zishobora gufatwa nkama:

● Allah yarungitse Kristo mw’isi ngo yemeze ukuri kwa Torati. Kubera iki aba Islamu bashimangira bakongera bagashimangira ko Torati yasibanganijwe? Korowani ubwayo ihakana ibiringo vyinshi ivyo bavuga. Vyongeye kandi, Kristo niwe Jambo wa Allah kandi yerekana Torati mu buzima bwawe (Suras Āl 'Imran 3:50; al-Ma'ida 5:46 ...).

● Allah ubwiwe yigishije Umuhungu wa Mariya imbere yuko avuka-Torati, Imigani ya Salomo, Ubutumwa bwiza, ndetse n’igitabu ca mbere n’ibikigize vyose (Sura Āl 'Imran 3:49). Kubw’ivyo, vyarashoboka ko “Isa” aza mw’ihanga rya Israyeli afise ubwenge bwo mw’ijuru kandi abasigurira ibibazo vyose bataronkeye inyishu mu vyagezwe, ukwo niko yabakuye ibice muri bo.

● Kubwa Korowani, Kristo yari afise ububasha bwo guhindura no gukuraho amwe mu mategeko ya Allah muri Torati, no guha umwidegemvyo abamukurikira. Kuko muri Islamu, Isa ni umucamanza. Ntari munsi y’amategeko nk’uwuyashira mu ngiro. Kuba Islamu ibi birengeye igitangaza, kuko kuribo Allah niwe mucamanza gusa n’uwuhishura amategeko. Kubwa Korowani, Kristo yari afise igikorwa c’ubumana kuko nawe ubwiwe yahinduye jambo wa Allah mu buryo bw’umubiri. Ni ukuri kw’Imana kandi akaba nawe mategeko. (Yohana 13:34; Suras Maryam 19:21; al-Anbiya' 21:91; al-Tahrir 66:21…).

Muri iyo mirongo ya Korowani turumvamwo ukuri kwa Islamu kw’ihishurirwa rya Yesu, “Ntimugire ngo naje gusenyura ivyagezwe cank’amajambo y’abavugishwa n’Imana. Sinaje kubisenyura, naje kubishitsa." (Matayo 5:17-18) Yasobanuye kandi, "Mwarumvise ko abakera babwiwe… ariko jeho ndababwira!" (Matayo 5:21-48) "Ikija mu kanwa sico gihumanya umuntu; arikw’ikiva mu kanwa nico kimuhumanya (Matayo 15:11.16-20)

Muhamedi ashobora kuba yarumvise izo ngingo Yesu yigisha, ariko ntiyazitahura nko gushitsa ivyagezwe, ariko nk’izikuraho zimwe mu ntambamyi zari mu vyagezwe ku bigishwa biwe. Igitangaje, yahaye “Isa” uburenganzira bw’Imana bwo gukuraho no gushiraho amategeko mashasha nk’intumwa ya Allah.

● Mu gishingo co guhindura ivyagezwe, Umuhungu wa Mariya yemeza ishingiro ry’uwo aba Islamu bakwiye guhimbaza: "Mutinye Allah!" Islamu ntirongorwa n’urukundo Imana ikunda abantu canke nabo bayikunda. Ntabwo Imana ari Data kandi ntan’icipfuzo co gucungura abantu ifise, ariko ni ububasha gusha, ugushobora vyose n’ugutungana rwose kwa kibirengeye Allah, we nk’uwutwaza igitugu adashobora kubazwa ikibazo canke ngo agereranywe n’ikintu na kimwe. Aba Islamu bashobora gusa kwicisha bugufi rwose imbere yiwe no kumusenga bamwibashe mu kumutinya.

● Ukwishikana nk’uko kwari gukwiriye ku ntumwa yose ya Allah. Muri Korowani, Umuhungu wa Mariya yasavye abayuda incuro zibiri, abakristo n’aba Islamu: “Ni munyubahe!” (Suras Āl 'Imran 3:51; al-Zukhruf 43:64). Uyu murongo usubiza aba Islamu hasi. Umuntu wese azokwubaha Yesu Kristo, bakamushimagiza no kwitondera amategeko yiwe nk’uko batinya Allah! Islamu ntiyigisha, "Kwizera ubuntu bwa Allah, kwemera imbabazi za Kristo canke kumukunda ngo kubera ariwe yatanguye kubakunda," ariko Isa wewe yasavye abizera kwubaha no kwicisha bugufi munsi y’ububasha bwiwe ataco afatiyeko. Uwotahura iri tegeko rya Korowani, ashobora kubona ko ririmwo ingaruka mu kubwira ubutumwa bwiza aba Islamu. Umu Islamu azokwiga ubwa mbere Itegeko rya Kristo imbere y’uko yigishwa ubuntu bukiza bwiwe. Dukwiye imbere ya vyose kwigira hamwe amategeko 510 ya Kristo ari mu butumwa bwiza 4 tuyagereranije n’amategeko 630 ya Mose ari muri Torati. Gutyo dushobora kubaho twisunze amategeko ya Yesu we karorero k’ukuri kandi tukavugira imbere y’umu Islamu ko twese tutariko turashitsa amategeko yiwe uko bikwiye, kandi ko kubw’ivyo duhamagarirwa gusaba imbabazi umusi ku musi. Umu Islamu akwiye kumenya ko bidashoboka ko twoshitsa amategeko ya Kristo ubwacu kuko adutegeka, “Kuba abera nk’uko Data wo mw’ijuru ari Uwera!” (Matayo 5:48) no "Gukundana nk’uko nawe yadukunze." (Yohana 13:34) Gutyo ashobora gutahura ko ata muntu n’umwe yoshitsa amategeko ya Kristo ubwiwe, ariko ko akeneye imbabazi za Yesu n’agakiza kiwe umusi ku musi. Ubuntu bwa Kristo Yesu niyo nzira yonyene izodushikana kwa Data (Yohana 3:16; 14:4...).

● Muhamedi yahagaritse ningoga ico ciyumviro co gucokora aca arangiza avuga ko Yesu Kristo yavuze ati, "Allah ni Imana yanje n’Imana yanyu, ni mumusenge, nico gikorwa gitunganye." Ntiyaretse Isa ngo avuge muri Korowani: "Nzosubira kuri Data we data wanyu, ku Mana yanje, yo Mana yanyu!” Oya, Muhamedi yashize Isa munsi y’ububasha n’ubushobozi n’ububasha vya Allah. Muhamedi ntiyigeze yitegurira kwemera ko Yesu Kristo ari Umwami ubwiwe yaje gushitsa icubahiro c’Imana, Se wiwe. Aho kwemera bimwe mu bintu ngenderwako vy’ukwizera kw’abakristo, vyarangiye abihakanye ndetse aca ahindura Umwana wa Mariya umuja wa Allah, yaje kurongora abamukurikira ngo abajane muri Paradizo baciye “mu nzira iboneka” y’itegeko rya Islamu.

Turetse izo mpanuro za Islamu, Muhamedi yaremeye Yesu Kristo nk’umucamanza yavuye mw’ijuru afise ububasha bwo gusaba abamukurikira n’abantu bose kumwubaha ataco basavye. Dukwiye gufasha aba Islamu bose ngo barondere uko bamenya ubu butumwa bwa Korowani, tubafashe biciye mu gucishwa bugufi k’ubwibone bwabo mu buryo bwa mpwemu- ngo bemere ko ubuntu bwa Kristo ari ubwabo nabo.

5.13 -- Kristo yahinduye abamukurikiye

Muri Korowani hari imirongo myinshi yerekana ko abakristo bagenda neza. Uhereye ku ntahe ya Muhamedi, Umuhungu wa Mariya yari ashoboye guhindura abibone akabacisha bugufi, n’ingumyi akazihindura abakozi buzuye imbabazi. Kubw’igitabu c’aba Islamu, iki ni igitangaza gikomeye Kristo yakoze. Iri hinduka ntiryabaye rimwe gusa, ariko ryashika buri musi haba n’ubu mbere. Abakristo banditswe incuro zirenga 50 muri Korowani. Imwe muri iyo mirongo ntiyanditswe ku bakristo gusa, ariko kandi n’abayuda (Suras Āl 'Imran 3:55.113-114.199; al-Ma'ida 5:65-68; al-An'am 6:90; al-Hadid 57:27; al-Tahrir 66:114…).

Muri Sura Āl 'Imran dusoma ivyo Muhamedi yemeye abibwiwe n’uwari arongoye abakristo yari agiye kuvuga ubutumwa avuye muri Yemeni ya ruguru (Wadi Nadjran), amarana nawe imisi itatu bavugana ivy’ukwizera i Medina. Yagerageje kwinjiza abo bakristo muri Islamu ndetse abereka ko Allah yabwiye Isa:
“Nzoshira abagukurikira hejuru y’abatizera gushika ku musi w’izuka." (Sura Āl 'Imran 3:55)

Muhamedi n’aba Islamu biwe bacumiswe n’ukuntu abarongozi 60 b’abakristo bava muri Yemeni yaruguru bambara neza. Muhamedi aca yumva ko imico yabo yari irengeye iyiwe ariko agashaka kubinjiza muri Islamu. Yamenye ukuba hejuru kwabo n’ubutunzi vyabo vyari hejuru y’ibigirwamana n’abasenga imizimi, ibiti n’ibindi. Ariko muvy’ukuri, muvyo yaharira vyose ntiyigeze ahishura iciyumviro c’ukuri, yavuga ku munwa gusa ko aba Islamu aribo bari kurugero rwo hejuru kurusha abakristo.

Muri iyo Sura nyene, dusoma inkuru y’abaja n’abakozi bahuye mw’ijoro gusomera Bibiliya hamwe, basenga Umwami wabo bongera bubarara hasi. Birashoboka bakaba bari abakristo b’aba Orthodox kuko nta rindi shengero, ryaba iry’abayuda bubarara hasi mu gukorera Imana. Muhamedi yamenye ko bazigamye isezerano ryabo n’Imana kandi ko ubuzima bwabo bwari buhuye n’ukwizera kwabo. Aca abita “abantu beza” bashobora kuzohembwa na Allah (Sura Āl 'Imran 3:113-114). Mbega intahe ikomeye y’ukwicisha bugufi kw’abakristo bo muri Hidjaz!

Kubwa Sura Āl 'Imran Muhamedi yahuye kandi n’abakristo bicisha bugufi kandi b’akarorero, kandi bakavuga imirongo yo muri Bibiliya badasavye amafaranga, ivyari binyuranye n’ivyo abayuda b’i Medina bakora kuko kenshi bamubwira ibivuye muri Mishna canke Talmud abanje kubagurira ibintu vyiza (Āl 'Imran 3:199). Abakristo bagerageje ibihe vyinshi kubwira Muhamedi ubutumwa bwiza ariko biba ivy’ubusa.

Muri Sura al-Ma'ida havuga ibice vyabaye hagati y’abayuda n’abakristo. Bifatwa ko Allah yahishuriye Muhamedi:
"Muvy’ukuri uzosanga abafitiye abayisilamu urwango gwinshi cyane (kurusha abandi) ari abayahudi n’abangikanyamana (batari muri Ahl AL-Kitab). Ntakabuza ko uzasanga abari hafi yo kuba inshuti z’abayisilamu ari abavuga bati twe turi abakrisito. Ibyo biterwa n’uko muribo harimwo abamenyi n’abamonke (Bihaye Imana) kandi bakaba batananangira (ngo bange kuba abayisilamu iyo bamenye ukuri kwabwo)." (Sura al-Ma'ida 5:82)

Muhamedi yamenye ukwicisha bugufi kwa Kristo mu bamukurikira ko batigeze bagerageza kwiyerekana ko ari abakomeye. Muri uwo mwanya, Muhamedi yatahuye ko ukwo kwicisha bugufi bitavuye kuribo ariko ko biva ku barongozi baba obo mu buryo bwa mpwemu. Uyu murongo werekana mu buryo butangaje ukwicisha bugufi kw’abakristo mu gihe ca Muhamedi.

Muri Sura al-Hadith ushobora gusoma ikintu gikomeye abakristo babonye. Muhamedi yemeye ko Allah amuhishurira,
"Nyuma yabo kandi twakurikijeho kwohereza intumwa zacu, dukurikizaho kwohereza Isa (Isa) mwene Mariya (kandi tubikora) tumuhaye injil(evanjili). Kandi mumitima y’abamukurikiye, twateyemwo impuhwe n’imbabazi n’ubumonke; (abapadiri, kutarongorana n’ababikira bagahora mumasengesho ntihagire aho bahurira n’ubundi buzima busanzwe) bihimbiye ntitwabubategetse (kandi ibi babikoze) bashakisha ishimwe rya allah (ntibigeze bakora) ibyo muburyo bikwiriye nkuko bagombye kubikora…" (Sura al-Hadid 57:27)

Muhamedi yatandukanya ubwoko butandukanye bw’abakristo: Yafata abigishwa nk’abantu barondera, abagwanyi b’inguvu, abafasha bari biteguriye kugwana intambara kubw’inyigisho nshasha, abizera bazi ivyo bakora, abahimbaza Imana mu gusenga bakagerageza kugendera ukwizera kwabo, aba Islamu b’ukuri bicisha bugufi imbere ya Allah n’intumwa yiwe (Kristo) bakishikana kuri we ataco basavye, abamukurikira bagerageza kwigana umwami wabo, bakajana nawe baba bamerewe neza canke nabi, ivyabona vy’ibikorwa vyiwe bari biteguye gupfa babahoye intahe zabo. Basaba Isa ikintu kimwe gusa, ko yoba yanditse amazina yabo mu gitabu c’ubugingo co mw’ijuru (Sura Āl 'Imran 3:52-53).

Kubwa Muhamedi, si abakristo bose bafise uruhara mw’ibanga ry’ibitangaza Kristo yakoze- kiretse abamukurikira! Muhamedi yumva muri we ko Allah yakorana igitangaza nabo. Yabashiramwo ikintu kidafiswe n’abandi bantu: imbabazi n’ikigongwe, haba mbere no ku bansi babo! Igihe Muhamedi yiyumvira ku nkomoko y’iki kintu kitakozwe n’abandi, ntiyaronse ahandi hantu yobikura atari mu Butumwa Bwiza, Allah yahumekeye Isa. Muhamedi yizeye ko imbabazi n’ikigongwe biri mu mitima y’abakurikira Kristo babikuye muri iki gitabu. Ariko ntiyamenya ubushobozi bwa Mpwemu Yera Paulo yanditse, “Kukw’urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu na Mpwemu Yera twahawe." (Abarom. 5:5)

Muhamedi yiyumvisemwo neza ukuri kw’abakristo. Ntiyamenye gusa Waraqa b. Naufal, muvyara w’umugore wiwe wa mbere Khadidja, umushingantahe w’umwubahwa mw’ishengero ryigira Bibiliya munzu i Maka ariko kandi ko aba Islamu 83 bahawe ubuhungiro n’abakristo b’i Abisiniya igihe aba Islamu b’i Maka batari bagishoboye kwihanganira ihamwa. Inyifato y’abakristo b’i Abisiniya yahaye ishusho abakristo tutokwitega muri Korowani. Naho biri uko, aba Abisiniya barananiwe kubwira ubutumwa impunzi z’aba Islamu. Igihe aba Islamu basubira i Medina, Islamu imaze kugira inguvu, abanyetiyopiya 230 bemeye kwinjira muri Islamu, mugihe umu Islamu umwe gusa ariwe yahindutse umukristo. Uwo yihanye nawe yaciye apfa vuba ahejeje kwakira Yesu (bishoboka ko yishwe n’urupfu rwa giturumbuaka)

Muri Sura al-Saff abakristo bitwa abafasha n’abakorana na Allah igihe barahirira kuba abizigirwa kuri Isa muvyo yerekana kandi bakitegurira kumugwanirira. Allah yabemereye intsinzi ku bansi babo (Sura al-Saff 61:14).

Iyo usomye iyo mirongo iri muri Korowani, usanga Muhamedi yavuze ko Isa yahinduye abamukurikira mw’ishusho yiwe. Bakunda abansi babo, bahezagira ababavuma, bagirira neza ababatuka bakabahama (Matayo 5:44). Baricisha bugufi bakitonda, ntibimana, ariko basengera mu makoraniro yabo, ndetse no mw’ijoro iyo bishobotse. Igitabo cabo carico shimikiro n’inkomoko y’uguhimbaza Imana kwabo. Aba bakristo, banditswe muri Korowani, kenshi ntibari abanyamahanga, ariko abarabu baturutse amaja ruguru, amaj’epfo no mu burengero bw’ikigobe c’abarabu. Kristo yakorera ibitangaza vyiwe bihambaye muri bo: Babeshwaho n’ivyo bizera kandi bahindutse ivyaremwe bisha kubw’ubuntu bw’Umucunguzi wabo. Uno musi, abahoze ari aba Islamu bagendera ku karanga gashasha nk’ako abakristo bo muri Bibiliya banditse muri Korowani. Iyo mirongo ishobora kubafasha iyo bariko baraganira n’aba Islamu bagenzi babo.

5.14 -- Ayatollah w’ukuri

Dusanga muri Korowani ko Yesu Kristo na nyina wiwe ari ibimenyetso bikomeye vyashizweho na Allah (Suras al-Anbiya' 21:91; al-Sajda 32:50). Rimwe bihishuwe ko Kristo ubwiwe ari ikimenyetso ku bantu n’imbabazi za Allah (Sura Maryam 19:21). Iyo mirongo itatu yemeza ibanga rya Kristo muri Korowani kandi ikavuga mu majambo make ishimikiro ry’ibitangaza vyiwe vyose. Intumbero y’ibitangaza vyiwe si ibitangaza ubwavyo ariko nk’ihishura ryuwo abikora.

Mu carabu, ijambo ikimenyetso ni ajatun risigura kandi igitangaza. Urisomeye hamwe n’ijambo Allah, ayo majambo abiri aca agira izina ry’icubahiro Ayatollah! Yesu Kristo ni ikimenyetso c’igitangaza ca Allah ! Igisomwa co muri Korowani cagura insiguro y’iri jambo rikerekana intumbero yaryo : ku bantu! Umuntu wese akwiye kubona Allah Mushobora vyose n’urukundo rwiwe mu Mwana wa Mariya. Kubwa Korowani, ntawundi muvugishwa, umwami canke umuherezi afise iri zina ry’icubahiro, yaba mbere na Muhamedi. Kristo niwe citegererezo c’ibitangaza vya Allah abantu bose bakwiye kumenya. Abandi ba Ayatollah bose bahabwa amazina gusa bayahawe n’abantu.

Iyo tubajije impamvu Umwana wa Mariya ari ikimenyetso gihambaye ca Allah muri Korowani, turonka inyishu mu kwizera kw’aba Islamu ko Allah yaremeye Kristo muri Mariya gusa biciye mw’ijambo ryiwe, ata se w’umuntu yiriwe abigiramwo uruhara. Allah yahumekeye impwemu yiwe muri we. Kubw’ivyo, Kristo si umuntu yavyawe n’umugore gusa ariko kubwa Korowani ni impwemu yavuye kuri Allah yambaye umubiri w’umuntu. “Isa yahoranye na Allah n’imbere yuko avuka. Amaze kwurizwa mw’ijuru, yasubiye kuri Allah yambaye umubiri, ubugingo n’impwemu. Uno musi, Yesu abana na Allah. Muhamedi yarapfuye. Yesu Kristo niwe muntu wenyene ashobora kwitwa “Impwemu ya Allah” na “Jambo yihinduye umuntu”. Kubw’ivyo, Kristo niwe kimenyetso gusa ca Allah ku bantu bose.

Muri ibi bintu bibiri bimugize- ukuba umuntu yuzuye n’impwemu iva kuri Allah- ibimenyetso n’ibitangaza vyabonetse, kubwa Korowani :

● Ni jambo wa Allah yihinduye umuntu. Yarashobora no kuvuga akiri uruhinja aho yavukiye.

● Ni umuremyi afise impwemu itanga ubugingo- kubw’uruhusha rwa Allah !

● Yuzuye imbabazi ku bagwaye n’abagowe. Yakiza abantu bose baza kuriwe.

● Niwe muganga mwiza kw’isi- ahawe uruhusha na Allah !

● Niwe ntsinzi y’urupfu, kuko yazura abapfuye- kubw’uruhusha rwa Allah !

● Ni uwuzi vyose kuko ukubona vyose kw’amaso yiwe gushobora no kubona abantu bose n’ibintu vyose.

● Afise uburenganzira bwo guserukira umuntu nk’umuhuza wa Allah n’abamukurikira

● Yabamanurira imfungurwa zivuye muri Paradizo akabaha n’ivyo kurya bibakwiriye buri musi !

● Niwe atanga amategeko kandi yemeje ukuri kwa Torati. Yahinduye amategeko yo mw’ijuru ashiraho ayandi mashasha.

● Arekuriwe gusaba abantu bose kwubaha-kwizera, harimwo n’aba Islamu.

● Yahinduye inyifato y’ubugunge mu bamukurikira abuzuza urukundo no guca bugufi.

Ivyo bimenyetso biri muri Korowani ni nk’icirore bijana ku bivugwa n’ibiranga Isa, Umuhungu wa Mariya. Vyerekana ko ari igitangaza c’ibitangaza.

Yesu wo muri Bibiliya ashobora gutandukanywa kandi vyongeye n’uwo mu mirongo yo muri Korowani. Muhamedi yashizemwo imirongo myinshi y’ukwizera kw’abakristo kugira agereranye Korowani yiwe n’Ubutumwa Bwiza, kugira abakristo bashobore gukwegerwa mu kwemera Islamu. Ntiyerekanye imisi yose ko ahakana ubumana bwa Kristo, canke ngo yanke ukubambwa kwa Yesu. Yemeye ko Isa ari uwushitsa ibitangaza vy’imbabazi, umuganga, uwuzura abapfuye n’umucamanza kugira ngo yinjize abakristo muri Islamu.

Nukuvuga ko dufise uburenganzira bwo guhakana intahe y’ikinyoma y’abakristo bari muri Korowani tukayishira mu mero y’ukuri y’ubutumwa bwiza bwose bwo kuri n’inzira gusa y’amahoro n’Imana yacu. Intumbero si ukwereka gusa itegeko canke ubuntu, amabwirizwa canke ukwubaha mu kwizera ariko kandi ni ukwerekana ishusho ya Kristo w’ukuri mu maso y’aba Islamu kugira bamubone, bamukunde, bamwizere, bakire n’ubugingo budashira bwiwe no kwama ivyamwa bitunganye vya Mpwemu wiwe.

Kubw’iki, Yesu yitwa ubwiwe umuco w’isi, umutsima w’ubugingo, inzira igororotse, ukuri kudashira, umwungere mwiza, umuzabibu w’ukuri, ukuzuka n’ubugingo, umwami (yambitswe igitsibo c’amahwa), uwa mbere n’uwanyuma. Amajambo “Ndi… ya Yesu mu Butumwa Bwiza ashobora kumurikira umu Islamu ashaka gutahura ko Yesu atari gusa uwukora ibitangaza ariko kandi ko ari nawe rukundo rw’Imana n’ukwera kwayo.

5.15 -- Utubazo

Mwenenedata Musomyi!

Nimba wize neza aka gatabu, urashobora kwishura ibibazo vyoroshe ibibazo bikurikira. Umuntu wese yishura neza 90 kw’ijana y’ibibazo vyose muri ubu butabo umunani vyo muri uru rukurikirane, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo rw’ikigo cacu.

Inyigisho Zisumbuye
Munzira zifasha mukugiranira ibiyago n’aba Islamu Kuvyerekeye Yesu Kristo

nk’ibigutera intege mubikorwa vya kazoza kuri kristo.

  1. Mbega Korowani yerekana ibitangaza bingahe vya Mose? Vyerekanwa n’ibiki kandi bifise iyihe ntumbero?
  2. Dushobora gusoma kenshi ibimenyetso (bayyinaat) vya Kristo gute muri Korowani? Vyerekanwa n’ibiki kandi bifise iyihe ntumbero?
  3. Mbega Mpwemu w’Uwera yatera intege Kristo mu gukora ibitangaza ninde muri Korowani? (Suras al-Baqara 2:87, 253; al-Ma'ida 5:111 …)
  4. Ni guye Muhamedi yagerageje kugwiza ubuvugishwa bwiwe akoresheje ibimenyetso vya Kristo? (Sura al-Saff 61:6)
  5. Muhamedi yakoresheje ijambo ikimenyetso (aayat) kangahe mu kuvuga ibitangaza vya Kristo muri Korowani? Ni hehe mu Butumwa Bwiza dushobora gusoma ijambo nk’iryo kubijanye n’ibitangaza vya Kristo? Mbega insiguro y’iryo jambo itandukanye gute muri ivyo bitabu bibiri?
  6. Kubw’ubutumwa bwiza, kuki Yesu yafata abari bafise icipfuzo co kubona ibitangaza nk’abatizera canke se abagerageza Imana?
  7. Ni hehe Muhamedi yumvise ko Isa umwana akivuka yaciye avuga? Kuki Muhamedi yavyihanganiye kandi akemera iyo nkuru y’umugani?
  8. Ni gute ivyari mu gikorwa ca Isa mw’ihishurwa rya Korowani ritanzwe na Allah vyerekana ko Muhamedi atari umuvugishwa n’Imana w’ukuri?
  9. Ni ibihe bintu vyo kubaza kandi bitangaje vyari bigize ijambo rya mbere rya Kristo muri Korowani? (Sura Maryam 19:24-26)
  10. Mbega Muhamedi yiyumviriye gute iremwa ry’inyoni n’umuhungu Isa?
  11. Kubera iki ijambo “ndema” muri Korowani ari igitangaza ngira kamaro c’Umwana wa Mariya mu kuganira n’aba Islamu?
  12. Ni igiki dushobora kuvuga muri make ku bijanye n’uko “Isa yahumekeye mu kimeze nk’inyoni gikuwe mw’ivu” kandi Korowani ikavuga ko iyo nyoni yaciye iguruka? Ni hehe mu butumwa bwiza dushobora gusoma ko Yesu yahumekeye ku bantu? Ni ibihe bintu bitandukanye vyavuyemwo muri ukwo guhumekerwako na Yesu muri Korowani no mu butumwa bwiza?
  13. Muri Korowani, ni gute Muhamedi yagerageje gushiraho urubibe kubushobozi bwa “Isa” bwo gukora ibitangaza? Kubera iki Yesu ubwiwe nawe yashizeho urubibe rwo gukora ibitangaza muri Yohana 5:19?
  14. Kubwa Korowani, yahumuye amaso impumyi zingahe? Kandi mu vyiyumviro vya Muhamedi yabahumura amaso gute?
  15. Ni gute umunyamibembe acirirwa urubanza rubi akanafatwa nabi mu bihugu vyinshi vyo muri Aziya na Afrika?
  16. Mbega ububasha bwa Kristo bwo guhumanura abanyamibembe bwarimwo iki??
  17. Ukwitwararika abagwaye n’abagowe vy’Umwana wa Mariya Korowani bihishura iki?
  18. Kubwa Korowani, Yesu yazuye abantu bangahe yongera kubagira bazima?
  19. Kuki kubwa Korowani Kristo ariwe muntu wenyene mw’isi yashobora kuzura abapfuye?
  20. Ni irihe banga dushobora gusigurira aba Islamu mu vyiyumviro vyabo ko Kristo yashobora gukora ibitangaza vyiwe gusa afashijwe n’Impwemu ya Allah?
  21. Ni gute Isa aboneka ko azi vyose muri Korowani? Ni gute dushobora gukoresha ibanga ryo kumenya vyose kwa Yesu mu kuganira n’aba Islamu?
  22. Ni gute al-Suyuti yavuze kuri Korowani igihe yakoresha imico n’imigenzo (Hadith) ivya Yesu asigura ukumenya vyose kwiwe?
  23. Ni iyihe nkuru muri wewe iboneka ko ari nkuru muri Korowani ijanye n’imfungurwa zivuye mw’ijuru ku bakurikira Isa?
  24. Kuki Yesu yasenze "Allahumma" atari "Oh Allah"?
  25. Ni gute Muhamedi yemeje ko Kristo afise uburenganziro bwo kuba umuhuza w’abamukurikira na Allah? Kuki Mushobora vyose yishura vyihuse ivyo Umwana wa Mariya yasaba?
  26. Kuki Kristo yari guhobora guhindura ihishurwa ry’amategeko ya Mose? Ni gute yari kwemerera abamukurikira ivyo Allah yihanikirije? Mbega muri Korowani Kristo yashira mu ngiro amategeko gusa canke yari n’umucamanza w’ububasha?
  27. Kuki muri Korowani “Isa” avuga kenshi ivyo gutinya Allah agakoresha bigoye gukunda Imana?
  28. Mbega itegeko rya Kristo muri Korowani “Munyubahe!” risigura iki kuba Islamu? Kuki dukwiye kwiga amategeko ya Kristo mu kuganira n’aba Islamu?
  29. Ni gute Muhamedi yakinishije amajambo mu kugerageza guhindura ubusa ububasha bwa Kristo akamugira umu Islamu atinya Imana?
  30. Ni ayahe mazina n’imvugo bitandukanye Muhamedi yazanye mu kwerekana intambuko zitandukanye z’ugukura kw’abakurikira Kristo? Kubera iki yabise “aba Islamu”?
  31. Ni ikihe kintu ciharije Muhamedi yakoresheje mu kuvuga ibiranga abantu bakurikira Kristo? Mbega ivyo bibaranga yabikuye hehe?
  32. Kubera iki uguhinduka kw’abanyavyaha b’ingumyi mu kuba abantu b’amahoro bakorera Umwami ahambaye ari igitangaza gikuru ca Kristo?
  33. Kubera iki muri Korowani Isa ariwe mugabo gusa Ayatollah yavuzwe na Allah muri kahise? Mbega iryo zina risigura iki kandi rihwaniye hehe n’izina rya Kristo dushobora gusanga mu butumwa bwiza?
  34. Ni gute Muhamedi yasiguye kandi mu buryo bwagutse izina Ayatollah kuri Kristo? Mbega bishaka kuvuga iki muri Islamu ko Kristo ari imbabazi za Allah yihinduye umuntu?
  35. Ni ayahe mazina n’ibiranga kristo bidasanzwe vyahawe Kristo ushobora gukura mu bitangaza vya Kristo muri Korowani?
  36. Kubera iki Muhamedi yerekanye ishusho nziza ya Kristo umugwi w’abakristo bavuga ubutumwa bari baje kumuramutsa?
  37. Ni gute twokoresha ibitangaza vya Kristo muri Korowani nk’ikiraro c’ubutumwa bwiza nyakuri? Ni ikihe kintu nyamukuru kugira ushike kuntumbero yawe mu gukora igikorwa c’Imana muba Islamu?

Umuntu wese yishuye ibi bibazo ararekuriwe gukoresha ikindi gitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu munyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagutuma, akagukomeza, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwawe kwose!

Abo musangiye umurimo,

Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:

info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 14, 2022, at 10:18 AM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)