Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":

Home -- Kirundi -- 02. Roots -- 1 Development of Sharia

This page in: -- Arabic? -- Chinese -- English -- French -- German? -- Indonesia? -- KIRUNDI -- Ukrainian

Next booklet

02. Imizi ya Shari’a muri Korowani

1 - ITEGEKO RYA ISLAMU SHARIA RYABONETSE GUTE?

Uko sharia yavuye muri Korowani n’uko yahindagurika bihweje inyifato ya Muhamedi

Incamake y’uko Sharia yabonetse ivuye muri Korowani, uko yahindagurika bivuye kunyifato Ya Muhamedi (Sunna) n’itangugwa ry’imigwi y’ivyiyumviro: Imigwi ine muba Suni uwundi muba Shi’a.



1.01 -- ITEGEKO RYA ISLAMU SHARIA RYABONETSE GUTE?

1.02 -- Intumbero ya Islamu ni iyihe?

Igihe Yesu yavuka ikindi gihe cari gitanguye. Ikirangamisi rukristo cari gitanguye Yesu amaze gushika aha mw’isi yacu, kuko Imana yihinduye umuntu muri we. Muri Yesu ukuremwa kwo mu buryo bw’impwemu kwaciye kubaho.

Mukuvuka kwa Muhamedi kwo vyabaye ibitandukanye. Se wiwe Abdullah na nyina wiwe Amina bari abantu bazwi. Nta gihe gishasha catanguwe n’ivuka ry’umuhungu wabo, Ninaco gituma ikirangamisi c’aba Islamu kidatangurira kw’ivuka rya Muhamedi. Yari umuntu nk’abandi. Mbere n’ivyo bita ngo ni iyerekwa rya Muhamedi, no mw’itangura ry’umugwi wiwe muto yari atanguranye canke ku rupfu rw’uwiswe umumaratiri wabo ntihigeze hitwa ko ari intango ya Islamu!

Ikirangamisi c’aba Islamu catanguranye na Muhamedi arikumwe n’abamukurikira bahunga bava i Maka baja i Medina (622 N.Y.). Kuki? Islamu i Medina ica iba idini rya Reta! Ibindi bikogwa vyose vy’idini bari barakoze imbere y’aho vyaciye biba nk’ibitagira akamaro ahubwo vyategura ico gihe kidasanzwe. Bemeza ko ryabaye idini nyaryo igihe ryaba idini rya Reta.

Islamu si idini ufashe uko abantu biyumvira amadini. Muri Islamu, politike n’idini, ukwizera n’amategeko, ukwiyumvira n’ubushobozi vyerekana ubumwe budasanzwe butanashobora gutandukanywa. Shari'a ishobora gukora neza gusa igihe uburongozi bw’igihugu aribwo buyishize mungiro. Itegeko rya Islamu rikaba rikora igihe idini na reta ari bimwe. Kandi nta reta ya Islamu ishobora kubaho ata Shari’a bivanye n’uko Korowani ibivuga.

1.03 -- Mbega Sharia igurirwa hehe igapakirirwa hehe?

Ugendeye idandarizo ry’ibitabu kugira ugure amategeko Ya Islamu, uzotangara ubonye uwo abidandaza akubwiye ko vyaheze vyose atabindi barazana. Uvuze uti mpa basi ivyanditswe mucongereza bazokubwira bati ntibibaho. Ubandanije ubaza bazoguha ibitabu bivuga ivya Shari’a. Umwe abigura azobona ko ata kintu citwa Sharia kibaho mbere ko atanicigeze kubaho!

Ntangajwe n’ibi vyatumye nipfuza kumenya akabanga ka Sharia, uravye muri Korowani uzosanga imirongo yababa 500 ivuga ibijanye n’amategeko. Iyo Miriongo niyo igize intango y’ico bita Shari’a.

Korowani irimwo imirongo ingana 6230 igabuyemwo Sura 114. Hafi ya 12% y’iyo mirongo niyo igize Sharia. Itegeko rya Islamu ntiryigeze ryandikwa kurutonde canke ngo bitegekwe na Muhamedi ko bobikora. Amategeko yose bavuga n’ivyo bahakana bikwirakwizwa bivuye muri Korowani.

1.04 -- Amamuko ya Korowani

Korowandi yazanywe mu myaka 610 gushika 632 NY na Muhamedi. Ama Sura yaherewe Maka umengo ni ihishurwa baca bayirengagiza igihe ay’i Medina abagoye gukurikiza no gusigura. Korowani ingana na bibiri vya bitatu vya Bibiliya. Ingana n’Isezerano rishasha uharuye amajambo. Ikangana na 18% ya Bibiliya y’icarabu uca wumva ko ari nto cane ugereranije na Bibiliya.

Korowani yanditwe mu migenzo y’abimukira mu karere ka Maka na Medina, aho Bibiliya ariyo yabaha inyishu z’ibibazo mu migenzo bari bafise muri ako karere kose ka Mediterane.

Muhamedi ubwiwe ntiyari ashoboye gusoma no kwandika igihe yatangura ibikorwa vyiwe vyambere vyo kwigisha ivy’idini (Sura al-A'raf 7:157-158), iki ni naco catumye abanyamabanga biwe batangura kwandika ivyo yavuga bari i Medina. Abdallah b. Mas'ud na Ubayy b. Ka'b, umuyuda yari yinjiye idini rya Islamu, yari muri abo. Hafi 60% vya Korowani vyavuye muri raporo n’amategeko ya Torati hamwe n’ibindi bitabu vyava mw’Isezerano rya Kera, muri ubwo buryo nyene 8% y’ibiri muri Korowani vyakuye mw’Isezerano Rishasha hamwe n’ibindi bitabu vyandikwa n’amadini atemewe y’abakristo. Ivyo babibwira Muhamedi kumunwa gusa, aho inkuru n’amategeko yo mw’ Isezerano rya Kera babikura muri Mishna hamwe na Talmud. Igihe Muhamedi yapfa, Ibitabu bitandukanye vya Korowani vyari biriho i Medina. Incuro zibiri zose babihinyanyuye mu mwaka 634 kumusubirizi yitwa Caliph Omar b. Khattab na 650 kumu Caliph Uthman b. Affan. Naho babikoze uko itandukaniro ritashobora guhuzwa ryari mu makorowani atandukanye, Uthman yegeranije izo Korowani zambere aca araziturira! Mbega uno musi hari iki, Si Korowani ya Muhamedi, ariko Korowani uko yanditswe na Uthman. Ninaco gituma aba Shia bama basemerera bavuga ko iyi Korowani bafise uyu musi atari Korowani y’ukuri.

1.05 -- Hadith niyo yuzuza Korowani

Nk’uko amategeko ya Mose abivuga yagiye yubakwa ibinjana bitari kike bifashijwe n’imigenzo y’abayuda mu mategeko 500 ari mw’Isezerano rya Kera kurunganwe uko rwagenda rukurikirana bifashishije abacamanza b’abayuda, na Shari’a ntiyakuwe muri Korowani uko nyene. Hagumye haboneka ko amategeko n’amabwirizwa yagiye atari mu mungane atomoye canke ugasanga ntatomoye neza, kugira agire itegeko ry’abemera idini n’abataryemera bakanarikoresha. Kubera ivyo amashure y’ivyiyumviro amw’amwe yagerageje kugira amategeko y’idini bakoresheje imigenzo ya Muhamedi. Imigenzo ya Islamu, yitwa Hadith, vyashobora kuba ivyo Muhamedi yakoze ariko bitemewe muri Korowani. Kubera ko Muhamedi, kubw’ugutahura kwa Islamu, yari umuvugishwa wanyuma, nta mu Islamu n’umwe ashobora kuronka Mpwemu Yera canke ngo arongorwe n’impwemu iva kwa Allah. Ntan’umwe muri bo afise uburenganzira, bwo gusigura Korowani, canke ngo anatume ivyo yahishuye bitahurika, kuko ivyiyumviro vyiwe yoba yerekanye ko bisumba ivya Allah. Allah wenyene abicishije kuri Muhamedi, igihe ugize ico ukekeranya niho honyene uronka inyishu ibereye.

Twisunze uku gutahura, haciye hatangura kuronderwa uko bomenya gusumba ubuzima bwa Muhamedi. Abagore biwe, abakobwa biwe nka Fatima, abagenzi bari bamwegereye hamwe n’abo bakorana nibo bemeza ikintu cose. Ntivyafashe ikiringo kirekire ngo ivyo bavuze bigire uburemere bumwe n’ivyo Muhamedi yavuze ubwiwe, kuko akaryo kari kabonetse ubwonyene, abatabizi neza, abidoga n’abamukunda baca binjira muri uwo murongo w’imigenzo, ngo bashire ugutahura kwabo muri Korowani ngo banashire amategeko amwe amwe mukanwa ka Muhamedi.

Barangije, abantu batandatu baca baboneka ko bagerageje gutandukanya hagati y’imigenzo ya Muhamedi hamwe n’ibindi bamubeshera abo nabo ni aba:

al-BukhariYapfuye 870 A.D. (yagize imigenzo 7008)
MuslimYapfuye 875 A.D. (yagize imigenzo 5362)
Ibn MadjaYapfuye 886 A.D. (yagize imigenzo 4332 )
Abu DawudYapfuye 888 A.D. (yagize imigenzo 4592 )
al-TirmidhiYapfuye 892 A.D. (yagize imigenzo 3981 )
al-Nasa'iYapfuye 915 A.D. (yagize imigenzo 5662 )

Bose begeranije umwe umwe ibihumbi vy’imigenzo ya Muhamedi itavugwa muri Korowani, vyacibe biba ihishurirwa rindi rya Islamu. Iyi migenzo yegeranijwe yose hamwe, yabaye ibitabu bini no gusumba Korowani. Iki gikorwa cari kigoye cane kumenya ninde yabajijwe na Abu Dawud avuga ko yagejeje inkuru 500.000 ivyo bise ko ari inkuru za Muhamedi ariko basangamwo gusa 4592 izo wewe yise ko ari iz’ukuri. Ibi bica vyerekana ko gusa 1% ry’inkuru zavuga ivya Muhamedi arizo zatowe kuba iz’ukuri zonyene.

1.06 -- Sunna niyo isigura neza Sheri’a

Uvyihweje si amategeko yose ya Korowani avugwa kuri ibi bita ngo ni imigenzo ya Muhamedi kubera ivyo abashakashatsi b’iyi migenzo batangajwe n’inyifato ya Muhamedi n’ingene yagiye yifata mu bihe bigoye. Si kuvyo yavuze gusa ariko no kuvyo yakoze, mbere n’aho yinumiye bica bimurikira amategeko.

Ubuzima bwiwe buca bucika itegeko haba muvyo kwizera haba no muvy’ubuzima busanzwe, mu kwisonzesha mu kwezi kwa Ramathan, kuriha amakori y’idini hamwe n’urugendo rweranda rw’i Maka, mbere haba no muntambara nyeranda no mukugabura amasahu.

Inyifato ya Muhamedi kuvy’abagore vyagize ingaruka zikomeye akarorero ni igihe arongoreye Zainab b. Djahsch, umugore w’umuhungu yari areze Zaid canke arongora Aisha, umugore wiwe yakunda cane, aho atari bwanakwize imyaka icenda.

Ikibazo c’ugutorana, ukudandaza, indahiro, imfungurwa zemewe canke zitemewe canke guhana ibihano bikomeye bisunze uko Muhamedi yabona ibintu.

Ibi bisigura ko aba Islamu bose basabwa kubaho nka Muhamedi. Bategerezwa kwigana Muhamedi. Uku kwigana ntibiva kugushaka ariko vyaciye biba itegeko. Aba Islamu bose bategerezwa kuba muri Muhamedi nawe akaba muribo, atari uko azoca aja mu muriro!

1.07 -- Amashure ane y’amategeko muri Islamu

Atako bari bubigenze, batanguye kugira amategeko mu bibanza basengeramwo n’ubuzima bwose bwa Islamu, ibibagora hamwe n’ibihushane vyatanguye kuboneka. Ibibazo bigoye vyatumye ivyiyumviro vy’abahinga muvya Islamu n’abize ivyigwa menyeshamana vya Islamu babona kure:

Ni uwuhe murongo muri Korowani ukwiye gukurikizwa canke kudakurikizwa? Ni iyihe nkuru y’ukuri ni iyihe itariyo? Ni ibintu ibihe Muhamedi yakoze vyoba ngenderwako canke ni ibihe yihoreye vyari vyanswe canke vyemewe?

Ibintu bigoye vyatumye abigisha n’abanyeshure bose bari hamwe, kugira amashure amwe amwe afatwa nk’intagondwa canke ko ivyo bavuga ari ukuri.

Abu Hanifa (700 - 767 A.D.), yadandaza impuzu i Kufa, yafashwe n’ikibazo co mu mategeko muri Korowani aca aritandukanya ubwiwe n’ivyo yatahuye ata mugenzo n’umwe yisunze. Abamukurikiye, abo bise abaHanifates, bisunze insiguro y’umwidegemvyo baca bakoresha amategeko yabo muri Turkiya kugeza 1923, mbere n’uno musi muri Aziya yo hagati, Pakistani, Ubuhindi na Bangladesh.

Malik ibn Anas (715 - 795 A.D.) yaba Medina aca yandika igitabu cambere cumvikana kuvy’amategeko ya Islamu (al-Muwatta'). Asigura ibibazo vyabatere amakenga mumategeko akoresheje imigenzo yo mugisagara ca Muhamedi aca anafata ingingo kubijanye n’iyindo migenzo. Abigishwa biwe, abaMalikites, n’ubu nibo bahagarariye amategeko mu buraruko bushira uburengero hamwe no hagati ya Afrika.

Al-Shafi'i (767 - 820 A.D.) Yavukiye I Gaza ariko aba i Maka n’i Medina. Yari umunyeshure wa Malik b. Anas, aca abika muri ntibate "al-Muwatta’" ayifata kumutwe. Aca yimukira i Baghdad, aca yimura igitabu c’aba Hanifate aca aba umuhinga muvy’amategeko. Aca agerageza guhuriza hamwe amategeko y’abigenga mbere nayabintagondwa. Aca yimukira Kayiro ni naho yapfiriye baca mbere banamwita ko ariwe yatanguje ivy’amategeko n’ishigwamungiro. Abanyeshure biwe, abaShafi’ite, baca bakwiragiza ayo mategeko muri Egiputa, Afrika y’ubuseruko, Irani (muba Sunni) na Indoneziya.

Ahmad ibn Hanbal (780 - 855 A.D.) yatembera muri Iraq, Syriya, Hedjas na Yemen kugira yige ubweranda bw’aba Islamu mu bihugu baturukamwo. Yari umwigishwa wa Shafi'i ariko akanyuranya n’insiguro y’ivangura ya Korowani. Mu gitabu ciwe c’ironderero encyclopedia "Musnad Ibn Hanbal" yegeranije imigenzo 26.363 ya Muhamedi. Ukuvyakira kw’aba Hanbalites mu bigo vy’aba Islamu wari umuziro bica bibona kuzukira mu kigobe c’abarabu muba Wahabite mu kinjana ca 18 n’uyu musi baracahari.

Dja'far ibn Muhammad (Yapfuye 756) yari umu Imamu agira 6 w’aba Shi’a kandi akaba n’umuhinga mu migenzo y’aba Muhamedi. Igikogwa yakoze munyuma kumategeko ya Islamu ntiyayikuriye mumutwe ariko baca barayamwitirira mu kushimira. Aba Shi’a bo muri Irake no muri Irani bafise amategeko yabo bwite.

Ugerageje kwiga ingingo ngenderwako zayo mashure y’amategeko ya Islamu uca utahura ko ata Shari’a, ntan’ibizopfa bibayeho! Rimwe muri aya mashure ane yambere amenyekana nk’amashure y’akame mu mahuriro y’aba Sunni muri Islamu, naho biri uko yose aratandukanye ugiye mw’idondora ryayo. Kubera Sharia kiguma ari iciyumviro kitaboneka. Naho biri uko igumiza aba Islamu hamwe mu muco umwe w’aba Islamu.

Ivyo bica vyereka abantu batari bake ko Islamu atari idini ryofatirwako mu gihe bariko baravuga amadini afise inyigisho menyeshamana zitomoye, ariko ni ibintu amategeko ya Islamu ashira hamwe. Abahinga muvy’imeneyeshamana muvya Islamu biyita abanyamategeko kandi bategerezwa gucira amategeko ikintu cose gikenewe haba mugusenga no mu buzima bwa misi yose.

1.08 -- Amategeko abiri atandukanye mu bihugu vy’aba Islamu

Aba bose batanguje aya mashure y’amategeko ya Islamu uko ari bane, baciye bahura n’ibintu vyinshi batumvikanako n’aba Caliph bariho ico gihe! Baciye bapfungwa, barakubagurwa kandi baranacinyizwa kubera amategeko yabo yahura n’amategeko y’abigenga biyita ko ari amareta y’aba Islamu. Uku kuri kwo muri kahise kwerekanye ko hariho amategeko abiri yagenda abangabanganywe y’aba Islamu: Amategeko y’idini y’abacamanza bakurikira Korowani hamwe n’amategeko y’aba Islamu bigenga b’abarongozi. Ukubaho kw’ayo mategeko uko ari abiri yaciye aba intango y’uruhagarara rw’ibihe vyose mbere n’ihinduka mu bihugu vy’aba Islamu.

Urangije iyi ncamake ya Korowani, Hadith, Sunna na Shari'a twagomba kwerekana mu burorero buboneka ingene amategeko ya Korowani yagiye ahinduka acika amategeko bifashishije ubuzima bwa Muhamedi.

1.09 -- Ugusenga kw’aba Islamu (al-Salat, al-Zakat)

Korowani irimwo imirongo mirongo umunani n’itandatu 86 ivuga amasengesho y’aba Islamu kubijanye n’amasengesho imigenzo uko yagiye ayihitamwo n’ayo mashure y’aba Sunni uko ari ane mbere akaba ari nayo bakoresha mukumenya ico gukora co n’ikitarico. Handitswe: Aba Islamu mu masengesho yabo barahagarara, bakubamira imbere, bagapfukama no kwunamira Allah mu kumuninahaza. Korowani ivuga amasengesho mugatondo no kumugoroba kandi ikanavuga kw’isengesho ryo kumutaga. Ariko kumenya umwanya neza ntibishoboka. Korowani isaba umuntu wese asenga ko agira imigigwa yo kwiyuhagira imbere yo gusenga. (Sura al-Ma'ida 5:6) ikanabategeka kuraba Maka (Sura al-Baqara 2:144).

Amungane asubirwamwo mu gihe c’imigenzo yo gusenga ishimikiro muguhimbaza Allah n’ububasha bwiwe atakwihana kurimwo, kubabarira, kwinginga mbere ntanugushima ubuntu bwabakijije.

Gukurikiza isengesho ry’umugenzo nk’iryo bifatwa nko kwishikana ku masengesho yubahirije muri izi ngingo zitandatu aba Islamu bavuga igihe batura ndemeye yabo: Ukwizera Allah, abamarayika biwe, ibitabu vyiwe, abatumwa biwe, ugutegekaniriza kazoza hamwe n’umusi w’urubanza. Aha muri iyi ndemeye niho bahakana Imana Data, Umwana na Mpwemu Yera! Gukora isengesho gusa. Kubwa Korowani, gucungugwa ivyaha no kwihana bishobora kwitegwa n’umuntu wese asenga Allah ashizemwo n’ishikanwa.

Abanyamategeko ya Shari'a baciye bakora umugenzo w’isengesho bisunze imirongo yo muri Korowani banisunze n’imigenzo n’ubuzima bwa Muhamedi. Amashure y’amategeko aratandukanye winjiye mw’ido n’ido ariko bakagira ivyo bahurirako.

Aba Islamu ntibategerezwa gusenga gusa incuro zibiri canke zitatu gusa ariko gatanu ku munsi, bakagira iminota hagati ya cumi n’itanu na mirongo ibiri igihe cose basenze. Isengesho ryambere ni mu gatondo imbere y’uko izuba riseruka; irindi kumutaga; irya gatatu mu masaha atatu yandi; irya kane izuba rikirenga, irya gatanu amasaha abiri aheze. Amasengesho y’aba Islamu ahinduka uko umwanya ugeze bivanye n’uko izuba riseruka canke rirenze. Gusengera hamwe bihabwa agaciro gusumba usengeye ukwawe.

Inyifato bagira hamwe n’amajambo bavuga mu masengesho y’imigenzo bikurikirana ku rutonde ku buryo babisubiramwo incuro icumi n’indwi 17 ku musi muri ayo masengesho uko ari atanu: Incuro zibiri mugatondo, zine kumutaga, zine kumuhingamo, zitatu kukirengazuba na zine mw’ijoro.

Igihe umu Islamu yubama imbere ya Allah incuro zibiri muri buri masengesho, mugusenga arongerako kwunama incuro 34 buri musi. Uku kwunamanga nikwo kukumenyesha Islamu, kuko ijambo Islamu risigura: "Kwitanga, Kwishikana canke gutanga imihoho".

Umu Islamu ntaba akibaye uwidegemvya. Aba yishikanye akiyemeza incuro 34 buri musi. Azoguma ari umuja wiwe ibihe bidashira.

Amashimwe y’aba Islamu mu masengesho yabo y’imigenzo yerekana ukuninahaza kwabo. Buri musi, muri uku gusubiramwo incuro 17 bama bavuga

Incuro 102: "Imana ni nkuru, nihimbazwe!”;
Incuro 51: ”Hahimbazwe Imana yanje y’inkomezi!”; na
Incuro 68: ”Allah ni Mukuru!” (Allahu akbar).

Iyi mvugo yanyuma, igereranya, ikanagira icaremwe cose muri Islamu kuba gito cane. Mbere na Yesu Kristo na Mpwemu Yera ni bato cane kuri Allah. Batahurwa nk’abaja. Wumvise uku gusenga incuro zitanu zose kwa Islamu ni impwemu anti-kisto yiyerekana bikaba bigirwa n’ama miriyoni y’abasenga bahakana ukubambwa kwa Kristo umwana w’Imana.

1.10 -- Intambara nyeranda muri Islamu

Muri Korowani hari amategeko 108 ya Allah, ahamagarira buri mu Islamu kuja mu ntambara nyeranda. Vyateguwe n’abanyamategeko b’aba Islamu kugira bifashe mu guhindura abantu kw’isi yose aba Islamu. Hari ukutumvikana kudasanzwe hagati y’intagondwa n’abarongozi bidegemvya kubijanye n’uburenganzira bafise bwo kuvuga ibijanye n’intambara nyeranda. Muvyo aba Islamu bakora, hari ikinyurane kuri ibi.

Kuba ryoba ari itegeko ntabanduka muri Korowani ryo gukora intambara nyeranda, dushobora gusoma ko Allah ariwe agaba ijuru n’isi. Niwe agaba ubuseruko akagaba n’uburengero mbere n’ibiri hagati yaho. Ikintu cose caremwe na Allah kiboneka ko ari ingurane kuba Islamu. Allah akunda abantu bamugwanira n’ibigwanisho mu minwe mbere n’abatanga kubw’ intambara nyeranda.

Gutera ibitero abantu bose badahuza n’abatizera n’amategeko! Aba Islamu b’inkehwa bakeneye kubohorwa ngo nabo babone gukora ibikorwa vya Islamu bidegemvya. Abayuda n’aba Islamu bategerezwa gucinyizwa kugeza aho bariha amakori (Sura al-Tawba 9:29-30). Abanyabwoba n’ivyitso muba Islamu bategerezwa guhanwa. Umuntu wese agerageje umu Islamu ngo ave muri Islamu akan’injira idini ry’abakristo, aba akoze ikibi gisumba kugandagura umuntu (Sura al-Baqara 2:161+217; raba kandi: al-Ma'ida 5:51).

Muhamedi yahamagariye abagwanyi biwe: Muri abatoranijwe na Allah, nuko rero nimusenge, mutange kandi mugwanet! (Sura al-Hajj 22:77-78). Ntimukagire amakenga yo gusesa amaraso (Sura al-Baqara 2:216). Allah yabateguriye kugwana (Sura al-Anfal 8:12). Mwemere Allah n’intumwa ziwe! Ntimugakunde abansi banyu! (Suras Al 'Imran 3:31; al- Nisa' 4:89; al-Anfal 8:72-73; al-Mumtahina 60:1 n; iyindi myinshi).

Haba mu ntsinzi canke mu rupfu, ibikorwa vyanyu muzobihemberwa. Abemera gwana! Ibitero bitaboneka bizobafasha (Suras Al ‘Imran 3:124+125, al-Tawba 9:40). Gwanisha amahera yanyu n’ubuzima bwanyu! Itegure mwubire abansi ba Allah bose, Bazingire, bacakire muce mubica (Suras al-Baqara 2:191; al-Nisa' 4:89+91; al-Tawba 9:5). Bagwe mukanigo! (Suras al-Anfal 8:12 na Muhamedi 47:4). Ntimubagirire impuhwe! (Suras al-Tawba 9:73+123; al-Fath 48:29; al-Tahrim 66:9).

Umu Islamu kugatwe kiwe acungurwa n’ugusesa amaraso yab’iwabo: Simwe muba mubishe Allah niwe aba abishe (Sura al-Anfal 8:17). Umuntu wese azokwicirwa mu ntambara nyeranda ntazofatwa nk’uwapfuye, ariko nk’umuzima ari kumwe na Allah (Suras al-Baqara 2:154; Al 'Imran 3:169; al-Nisa' 4:74; Muhamedi 47:4; al-Fath 48:25 n’iyindi myinshi). Kuja mu ntambara nyeranda bibaha guharirwa ivyaha (Suras Al 'Imran 3:157-158 na 169-171 na 193-195; al-Nisa' 4:100; al-Saff 61:9-12). Allah azobishura mu buryo butandukanye ivyo batanze vyose mugufasha mu ntambara. Kandi Allah azobaha intsinzi ihambaye.

Iyi n’iyindi mirongo iva muri Korowani yarakurikiranijwe n’abanyamategeko b’aba Islamu, akarorero ka Muhamedi, wewe yagiye mu bitero vyo gusahura 29 nivyo bigize amategeko yabo. Abanyamategeko bagabuye isi mu bice bibiri "Inzu ya Islamu" hamwe na "Inzu y’intambara". Inzu ya Islamu ni ibihugu n’ama reta atwarwa na Shari’a. Aho hari amahoro ya Islamu kandi hategerezwa kuba ukubaho neza. Munzu y’intambara ni ahataganza Islamu canke ama reta yigenga bose bategerezwa guterwa kugera bemeye Islamu, igihe cose ubutunzi, politike, ndetse n’uburyo bwa gisirikare bubibemereye.

Insiguro y’imenyeshamana y’intambara nyeranda muri Islamu niryo bwirizwa rikuru: Gwana nabo (ufise ikigwanishwa mu ntoke zawe) kugera aho hatazoba hakiri ikigeragezo na kimwe (cobakura muri Islamu) aho idini rya Allah ryonyene ariryo rizoba rirongora (amahanga) (Suras al-Baqara 2:193; al-Anfal 8:39; al-Fath 48:28; al-Saff 61,9).

1.11 -- Amasahu n’uburenganzira bwo kugira abaja

Umuntu wese asoma ibidonda ubuzima bwa Muhamedi vyanditswe na Ibn Hisham azotahura ko kwihora no gusahura ari vyo vyasuguma abantu b’i Medina ngo baje mu ntambara nyeranda. Korowani irimwo n’imiburiburi imirongo icenda ivuga ivyo guhumanya intambara n’ibihano bijana n’imirongo 25 ibarekurira kugira abaja. Twategerezwa kwiyumvira kuri iyi mirogo, kubera bifatwa nk’ubuntu buva kuri Allah kuba Islamu basenga bakanatanga uburyo kandi bakanarwana mu ntambara nyeranda!

Amasahu ni ikimenyetso ko Allah yarongoye aba Islamu neza. Niwe yabemereye kurindwa no gutsinda intambara. Ariko, aba Islamu, ntibigeze bahabwa amasezerano yo gukingirwa. Impera irabarindiriye kwa Allah (Sura al-Fath 48:20-21). Korowani ibarekurira gusahura ibisagara vyose atari ivy’aba Islamu (Sura al-Hashr 59:7). Gufata mpiri birarekuwe mbere ni n’itegeko rya Allah, kugira babafashe bakabaha ibiguzi binini bace babarekura. (Suras al-Baqara 2:85; Muhammad 47:4).

Kugabura amasahu vyashingwa na Muhamedi wenyene ubwiwe. Niwe yafata ingingo uko vyokoreshwa. Ingingo yiwe ni ntabanduka (Suras al-Anfal 8:10+41; al-Tawba 9:60; al-Hudjurat 49:9; al-Hashr 59:5-6; al-Mumtahina 60:11 n’iyindi myinshi). Allah n’intumwa yiwe bahabwa icagatanu c’ivyo basahuye. (Sura al-Anfal 8:41; raba kandi 8:1). Uyu musi bashiramwo no kwimba ibitoro. Mirongo ibiri kw’ijana y’amahera baronka yose akoreshwa mukuvyura Islamu n’ibindi bikorwa vy’idini! Kuri iki cagatanu conyene c’amasahu n’inyungu bihabwa imiryango ikenye ya Islamu, impfuvyi, abakene, ingenzi, n’abagwanyi bo mu ntambara nyeranda nabo bagafashwamwo. Hambavu y’ibi imitima y’abatari aba Islamu, itegerezwa gufashwa "ngo bamemyerezwe Islamu bazohave binjira" biciye kuri ubu butunzi bw’idini. Ni muri ubu buryo ibihumbi n’ibihumbi vy’aba Islamu uyu musi ari "abaguzwe" na Islamu bahawe amahera n’ibndi bintu vy’ingabire (Sura al-Tawba 9:60).

Kororwani ifise imirongo umunani yonyene kubijanye no kwegeranya no kugabura amasahu yavuye mu ntambara nyeranda, ariko mu mirongo 25 twisunga muri aka gatabu yerekana ingene uronka n’ingene abanyazwe bafatwa intambara imaze kurangira. Ibi vyerekana ko uburenganzira bwo kugira abaja no kuronka amasahu ari ikintu gikomeye muri Korowani.

Korowani iriko iravuga abaja, ikoresha amajambo atandatu atandukanye. Irivugwa cane ni (incuro 16) twasanze bavuga: "Ico ukuboko kwawe kw’iburyo gufise". Iri ryungane ryo gucanishamwo ryerekana ko abaja batafatwa nk’abantu ariko nk’ikintu bafise mu kuboko kwabo kw’i buryo. Ntibaba bakiri ababo kandi. Ntibidegemvya, ariko musi y’uwabaguze na shebuja wabo. Uwo ashobora kubakoza ico agomba cose.

Kororwani iranavuga ivyo kubana kwaba shebuja n’abajakazi babo. Abajakazi bizera bafatwa ko ari beza gusumba abatizera b’abakenyezi bigenga. (Sura al-Baqara 2:221). Ariko bivanye n’uburyo baba bafise, akaba adashobora kurongora umu Islamukazi ashobora kwabira uwo akeneye wese muri abo bajakazi biwe (Sura al-Nisa' 4:3+25 n’iyindi myinshi). Aba Islamu barabujijwe kurongora uwo basangiye umuryango, yaba inkumi canke uwahukanye, umujakazi wewe ashobora kumugira uko agomba. Iri ni itegeko ryavuye kuri Allah (Sura al-Nisa' 4:24). Umu Islamu afatwa ko ari nyakuri igihe asenga, agatanga akaba atunganya ikibazo c’abakenyezi neza. Ikindi gituma, araba abagore biwe uko ari bane n’abaja, n’incoreke, n’uko iyo aryamanye nabo ntafatwa gusa kuba ari nyawe ariko anafatwa kuba atagasembwa afise." (Suras al-Mu'minun 23:1-6; al-Ma'aridj 70:29-30).

Muhamedi niwe yabamurikira mukubabera akarorero mukubana n’abo badasangiye igitsina hamwe n’abaja. Allah aca aranamurekurira kurongora umugore wese azomwishikanako, mbere n’abajakazi azoba yironkeye bahejeje kugabura amasahu yose bazanye bakuye mu ntambara (Sura al-Ahzab 33:50-52). Igihe Muhamedi yatwara Mariyamu, umujakazi w’umukristo w’umunyegiputa, aca aryamana nawe mu cumba c’umugore wiwe mutoya Hafsa, atari muhira, abagore biwe b’imiyabaga vyarabashavuje, baca bamusaba ko yosaba ikigongwe kuvyo yakoze, ko atazosubira gukora ibi! Allah yaciye abwira Muhamedi ko yorenga iyo ndahiro! Imana yabo izi vyose yaciye imuha uruhusha bo n’aba Islamu bose ku bajakazi babo. Naho vyagenze uko abo bagore biwe b’imiyabaga ntibahagaritse kuko baciye bamusaba ko yorenganura abajakazi biwe. Muhamedi aca yumva vyomugora kwahukana nabo bompi. Abo bagore biwe b’abayabaga baca bazana Abu Bakr na Omar b. al-Khattab muri iyo ngorane, abo, Muhamedi yaciye ababwira ko azoba abona igihe bazoba inkwi zicanira mu muriro. Iyi ngorane yatumye amategeko ahinduka kubijanye na Muhamedi hamwe n’abajakazi biwe. Ariko aca agumya ubwo burenganzira wenyene avuga ko ari Allah yabimuhishuriye" (Sura al-Tahrim 66:1-8).

Abaja muri Islamu bakingiwe n’itegeko ryo kwihorana: Umugabo yidegemvya kuwidegemvya, umuja kumuja, umugore ku wundi (Sura al-Baqara 2:178). Mubijanye n’ubusambanyi umusambanyikazi w’umujakazi akubitwa inkoni 50, inusu y’umukenyezi wundi yidegemvya.

Muri Korowani Allah avugako akunda bamwe kuruta abandi. Abaja ntamugabane bafise kubidegemvya kandi bategekwa gutinya ba shebuja babo (Suras al-Nahl 16:71; al-Rum 30:28 n’iyindi myinshi). Rimwe na rimwe umujakazi aba uwo mu muryango muri rusangi nk’umukozi wa mabuja. (Sura al-Nur 24:31+58).

Abaja beza n’abajakazi barashobora kurongorana kugira bashobore kuvyara abana. Abo bana baca baba abaja biyongereye ku bandi (Sura al-Nur 24:32).

Umujakazi ntategerezwa gufatwa kunguvu mu kumuronderako inyungu, igihe atoba agomba kubikora. Ariko igihe shebuja ariwe amufashe ku nguvu akamusambanya, Allah amugirira neza akanamubabarira (Sura al-Nur 24:33).

Allah yahaye amazu, imirima, hamwe n’amatongo vy’abahawe igitabu (Abayuda n’abakristo) haba kuri Muhamedi ndetse no ku bamukurikiye bose na cane cane iyo bamaze kubica canke bakaba babajanye ari inyagano. Muri iki gihe abayuda benshi babaye abaja. Muhamedi wenyene ubwiwe yari afise abakobwa benshi b’abaja abo Allah yamuhaye kugira bamubere "igitutu" (Sura al-Ahzab 33:26-27 na 50a).

Ikintu gihambaye mu mategeko ajanye n’ivy’ubuja muri Islamu ni ukugura umwidegemvyo w’umu Islamu w’umuja. Ahantu hose umu Islamu agizwe umuja ku muntu atari umu Islamu, kumurekuza ukoresheje kumugura biharurwa nk’igikorwa ciza mbere nk’ihongerwa ry’icaha kuwatanze. (Suras al-Baqara 2:177; al-Nisa' 4:92; al-Ma'ida 5:89; al-Tawba 9:60; al-Balad 90:13).

Igihe umuja atari ari umu Islamu ariko ajakariye umu Islamu yemeye kwinjira idini, akaba yarigenjeje neza agaca asaba icete c’uko arekurwa akidegemvya, umushebuja ategerezwa kukimuha, kigashirwako umukono hari ivyabona bibiri ategerezwa guca yongerako umutahe kugira ashobore gutangura ubuzima bushasha. (Sura al-Nur 24:33).

Muri Korowani Allah incuro zitari zike yemeje ko gutunga abaja vyemewe n’amatageko: Yemereye Muhamedi anongerako n’abandi ba Islamu kwitungira abaja b’abagore n’abagabo. (Sura al-Ahzab 33:50+52); ategeka aba Islamu ko babarongora (Sura al-Nisa' 4:24); aca ategeka Muhamedi guhagararira uburenganzira bwiwe kubakobwa biwe yanyaze. (Sura al-Tahrim 66:1-8); aca anamwemerera guhabwa abaja nk’amasahu igihe bavuye mu ntambara. (Sura al-Ahzab 33:26-27 and 50).

Abacamanza b’aba Islamu bashize hamwe iyi mirongo hamwe n’ubuzima bwa Muhamedi mbere n’imigenzo y’i Medina nkuko biri muri Korowani ngo berekane amategeko agenga abaja muri Islamu. Muri ayo mategeko handitswe: Umukenyezi n’umuhungu batavuye kubizera bagafatwa n’aba Islamu nk’inyagano. Umu Imamu azoba arongoye (umuryango w’aba Islamu) aca afata ingingo ko uwo muntu afashwe ava kubatizera yokwicwa, canke yofatwa nk’inyagano, canke akarekurwa nk’incungu y’aba Islamu boba barafashwe n’abatizera. Ingingo yiwe izovana n’ikizoba gifitiye akamaro aba Islamu muri ico gihe barimwo. Umuhungu atari umu islamu. Igihe yatandukanijwe n’abavyeyi biwe igihe bariko barafatwa nk’inyagano aca ubwo nyene aba umu Islamu. Gusa bavuga bike ku baja b’abakenyezi kuko ntibabafata nk’abantu ariko nk’ibintu baba batunze. Abaja bose, bategerezwa kuronswa imfungurwa zikwiye imyambaro kandi ntibabakoreshe ibirenze urugero.

1.12 -- Itegeko rya Yesu n’itegeko rya Muhamedi

Ubu burorero duhejeje, kuninahaza, intambara nyeranda uburenganzira bwo gutunga abaja vyerekana ingene amategeko ya Islamu yagiye arahinduka bahereye ku mirongo yo Muri Korowani bagafashwa n’ubuzima bwa Muhamedi bica vyemerwa n’amategeko mu buzima bw’aba Islamu n’amategeko ngendegwako yabo. Shari’a niyo ivuga ubuzima bw’aba Islamu gusumba mbere na Korowani ubwayo.

Umuntu wese agomba kugereranya aya mashure y’amategeko uko ari ane ya Islamu n’itegeko rya Yesu Kristo aca asanga inyishu mu ncamake muri aya majambo ya Yesu:

Ndabahaye icagezwe gisha mukundane nk’uko nabakunze. (John 13:34)

Yesu ntiyigeze asaba abigishwa biwe ngo bakore ivyo we atarakozako n’urutoke. Avuga ngo Narabakunze! Uravye iri tegeko Yesu Kristo yiyerekanye nk’umurongozi akanaba we tegeko ryacu!

Muri Islamu, Muhamedi ni umurongozi akaba n’itegeko ry’aba Islamu. Umu Islamu azoba ari umu Islamu w’ukuri gusa niyabaho nk’uko Muhamedi yari abayeho. No kubakristo nabo, ni nk’uko, azoba ari umukristo nyawe niyakundana nk’uko Yesu yakundana.

Ugereranje aya madini ypompi uca ubon ko atari urutonde gw’amategeko anyuranye gusa ariko abantu babiri: Yesu na Muhamedi! Uko aba bagabo batandukanye, niko n’ukwizera n’imigenzo y’amadini yabo uko ari abiri bitandukanye.

Abakurikiye Yesu bava mu mahanga yose bazovuga amashimwe muncamake imbere y’intebe y’Imana munsiguro yiyoroheje: Agakiza n’ak’Imana yacu, Ivyagiye kur’irya ntebe, n’ak’Umwagazi w’Intama! (Ivyah 7:10). Muri uku guhimbaza igihe co gucungugwa kwa bose mu runganwe uko rugenda rukurikiranwa. Intambara yabo nyeranda yerekeye kugana n’akameremere k’icaha cabo, nk’uko bivugwa mugitabu c’abaheburayo: Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana gityo, twiyambure ibituremera vyose, n’icaha gikunda kutwizingirirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye, dutumbereye Yesu wenyene, niwe nyanduruko yo kwizera kandi niwe yadusozereye; uwo, kubw’umunezero yashizwe imbere yihanganiye umusaraba, ntiyagirira ikindi isoni zabo, avyagira i buryo bw’intebe y’Imana (Heb. 12:1-2).

Aho abakristo bahagaze kubirabana n’abaja bishobora gutahugwa bicye mu majambo ya Yesu: Ariko jeho ndababwire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama, kugira ngo mune abana ba so wo mw’ijuru, kuko atuma izuba ry’iwe rirasira ababi n’abeza, kandi aha imvura abagororotsi n’abagabitanya. (Mat. 5:44-45). Abansi wiheje mu Butumwa Bwiza, ntibafatwa nk’abaja ariko barahezagirwa bakanafatwa mumugongo. (Rom. 12:20-21).

Yesu ntiyaduhaye gusa itegeko rishasha ariko yaduhaye insiguro kandi anaduha ububasha bwa Mpwemu Yera bwo gukunda nk’uko nawe yakunda. Paulo yanditse ati:

None rero, ko twatsindanishirijwe no kwizera,
dufise amahoro ku Mana
kubw’umwami wacu Yesu Kristo…
Kuko urukundo rw’Imana
rwasutswe hose mu mitima yacu
na Mpwemu Yera twahawe.
(Rom. 5:1.5)

1.13 -- UTUBAZO

Mwene Data musomyi!

Nimba wize aka gatabu neza cane, ushobora kwishura vyoroshe ibi bibazo bikurikira. Uwo wese yokwishura ku bice 90% ibibazo vyose biri muri utu dutabu indwi uko biri neza, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo ruvuye mu kigo cacu ku bijanye

N’inyigisho zo ku rwego rwo hejuru
mu gutahura imizi ya Shari’a muri Korowani

nko gutera intege uwo wese azobandanya akora igikorwa ca Kristo.

  1. Kubera iki ikirangamisi c’aba Islamu kidatangurana n’ivuka rya Muhamedi ntikinatangurane n’itangura ry’ibikorwa vyiwe vy’idini?
  2. Kuki ikirangamisi c’aba Islamu gitangurana na 622 A.D.? Uku kuri kutwigisha iki kubijanye nuko Islamu yagiye ihindagurika?
  3. Kuki tudashobora kugura igitabu kirimwo amategeko ya Islamu Shari’a? Ni ku bice bingahe kw’ijana vy’imirongo 6230 iri muri Korowani ivuga ibijanye n’amategeko?
  4. Ni ikihe gitabu ari kinini hagati ya: Bibiriya na Korowani? Ubigereranya gute uharuye kw’ijana?
  5. Korowani yavuye mu bintu ibihe? Ubumenyi Muhamedi yabukuye hehe?
  6. Kuki amakorowani yose yaturiwe mu gihe c’umusubirizi Uthman? Uthman yaciye abakorera iki?
  7. Kuki, ufatiye kuvyiyumviro vy’aba Islamu, ata mwanditsi yosigura Korowani? Kuki ama Hadith (Imigenzo ifatiye ku buzima bwa Muhamedi) ariyo baca bifashisha?
  8. Ingorane nyamukuru z’imigenzo y’aba islamu ni izihe? Kuki ivyo bita ngo ni inkuru bafata ko 1% arivyo bibaza ko ari ivy’ukuri? Ibi bisigura iki kukuba ngirakamaro k’amategeko ya Islamu?
  9. Abegeranije Hadith ayo aba Islamu bafata ko ari ay’ukuri batandatu ni bande? Bapfuye ryari?
  10. Kuki amategeko ya Korowani ategerezwa kwuzurizwa na Hadith na Sunna? Mbega itandukaniro rya Hadith na Sunna ni irihe?
  11. Mbega ingingo y’uko buri mu Islamu ategrezwa kwigenza akabaho uko Muhamedi yabayeho bisigura iki?
  12. Kuki aya mashure ane y’amategeko aboneka muri Islamu n’amatandukaniro mbere n’ivyo bihuriyeko bitavanganuwe? Mbega ayo Mashure bayasuzuma gute uyu Musi?
  13. Ni ikihe gitangaje uravye Abu Hanifa n’ishure ryiwe ry’amategeko? Mbega amategeko yiwe akurikizwa hehe na hehe uyu Musi?
  14. Mbega Malik ibn Anas yisunze ingingo izihe mu gitabu ciwe yanditse al-Muwatta'? Ikintu kidasanzwe muri ico ni ikihe? Aba Malikites bafise ubutware mu bihugu ibihe?
  15. Kuki al-Shafi'i afatwa nk’uwatanguje ivy’ubutungane muri Islamu? Yagerageje guhuza amatandukaniro ayahe? Abamukurikiye ubasanga hehe uyu Musi?
  16. Ahmad ibn Hanbal yanditse igitabu ikihe? Intumbero yaco yari iyihe, ibikuru bikuru vyarimwo ni ibihe? Mbega ingingo z’aba Hanbalite zikurikizwa hehe uyu musi?
  17. Ingorane za Dja'far ibn Muhammad ni izihe, ni nde kuba Shi’a afatwa ko yoba yarabakoreye Shari’a y’ukuri?
  18. Kuki Islamu ari idini riri musi y’itegeko ariko atari idini ry’ubuntu? Kuki abiga imenyeshamana b’aba Islamu biga Shari'a gusumba uko bokwiga insiguro za Korowani?
  19. Kuki abatanguje amashure y’amategeko bose bagiriraniye ingorane n’abarongozi babo ba Politike mu ma Reta y’aba Islamu aho baba? Kuki ibihugu bitari bike vy’aba Islamu uyu musi bafise amategeko atari ay’idini kandi bakayakoresha mu bihugu vyabo? Baca bagiriranira imibano imeze gute?
  20. Gute ubuzima bwa Muhamedi bwakuyeho imirongo imwe ya Korowani na cane cane uravye ibihe vy’amasengesho muri Islamu?
  21. Mbega incuro 17 aba Islamu basenga zigabuye mu bice bingahe? Baca babivuga gute buri musi? Ibi butuma ukwiyumvira kwabo guhinduka gute?
  22. Aba Islamu bunamira Allah incuro zingahe buri musi mu bihe vyabo bitanu vyo gusenga? Uku kwunamanga gusigura Iki? Ibi birema iki mu mibereho n’ivyiyumviro vy’aba Islamu?
  23. Ni imirongo ingahe muri Korowani ivuga ivy’intambara nyeranda kandi Muhamedi yagiye mu ngwano z’ubwicanyi no gusahura zingahe?
  24. Ni bande bafatwa nk’abansi ba Islamu ni Kubera iki?
  25. Kubwawe ni ayahe mabwirizwa akomeye muri Korowani wihweje ingwano za none aba Islamu bamamwo ubwabo?
  26. Muhamedi yaremesheje abagwanyi biwe ate  mu gihe c’intambara nyeranda iyo hari umwe wo mu muryango wabo yapfuye?
  27. Mbega aba Islamu bibaza kuzoronka iki igihe bagiye mu ntambara nyeranda? Mbega abamaratiri basezeranigwa iki muri Islamu?
  28. Kuki abahinga b’ivyigwa menyeshamana b’aba Islamu bagabuye isi mu "Inzu ya Islam" na  "Inzu y’intambara"?
  29. Andika imirongo ivuga igikorwa nyamukuru co kugwana muri Islamu ushirako imirongo yo muri Korowani kandi bishoboka gereranya na Korowani iri mu rurimi usanzwe ukoresha. Ibi biguhishurira iki?
  30. Ni iyihe mirongo yo muri Korowani ivuga ivyo kugabura amasahu kandi ni iyihe ivuga kuvyerekeye abaja? Mbega kwironkera amasahu muri Islamu bisigura iki?
  31. Mbega ni kuki kugabura amasahu mu ntambara nyeranda ari ngirakamaro? Mbega Muhamedi yatoreye umuti gute iyi ngorane?
  32. Kuki aba Islamu beshi bakunda amasahu y’abajakazi gusumba ayandi masahu yo mu ntambara? Mbega amategeko ngenderwako kubijanye n’imigenderanire iri hagati yabo baja b’abakobwa kuri ba shebuja?
  33. Mbega Muhamedi ubwiwe yisiguye gute kubijanye n’abaja biwe b’abakobwa? Mbega ibi vyateye ingorane izihe kuvyanditswe vya Korowani?
  34. Mbega guhohotera muri Islamu kuki babifata nk’ingabire yavuye kuri Allah kandi Muhamedi yafata gute abo bapfungwa b’intambara?
  35. Ibikuru bikuru mw’itegeko ry’aba Islamu ni ibihe?
  36. Akabanga k’itegeko rishasha rya Kristo ni akahe (Yoh 13:34+35) kandi kuki kristo ubwiwe ariwe tegeko ryacu?
  37. Kuki amategeko ya Islamu n’itegeko rya Kristo aturongorera ku bantu babiri batandukanye: Muhamedi na Kristo? Ibi bisigura iki?
  38. Mbega itegeko rya Islamu n’itegeko ry’ubutumwa bwiza bitaniye kuki?
  39. Kuki Yesu atasiguye gusa amategeko ababoha ariko yabahaye agakiza kubantu bose aca anahindura abamukurikira ngo bagende basa nawe?
  40. Kuki ubwami bwa Yesu atari ubw’iyi si kandi ni kuki aba Islamu atanakimwe bazi kuvy’agakiza ka Yesu?

Mukwishura ibi bibazo Umuntu wese ararekuriwe gukoresha ibindi bitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu mu nyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagukomeza, akagutuma, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwose!

Abo musangiye umurimo,
Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:
info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 18, 2022, at 04:44 AM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)