Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":

Home -- Kirundi -- 02. Roots -- 2 Prayer in Islam

This page in: -- Arabic? -- Chinese -- English -- French -- German? -- Indonesia? -- KIRUNDI -- Ukrainian

Previous booklet -- Next booklet

02. Imizi ya Shari’a muri Korowani

2 - INGO MU MASENGESHO, INGO MURORANIRWE!

Itegeko ryo muri Korowani ryo gusenga Allah

Kuva ubwambere Muhamedi agitangura iki gikorwa c’ubuvugishwa. Amasengesho yagize akamaro kadasanzwe mu buzima bwiwe. Amategeko muri Korowani yerekeye ivyo kuninahaza Allah yatumye aba Islamu batangura uko bakora imigirwa yo gusenga uyu musi? Ryari, gute ni nomuburyo ubuhe amasengesho y’aba Islamu ategerezwa gukorwa? Mbega amasengesho y’aba Islamu ataniye kuki n’amasengesho y’abakristo?



2.01 -- COME TO PRAYER, COME TO SUCCESS!

Itegeko ryo muri Korowani kubijanye no gusenga Allah

Incuro zitanu buri musi aba Muezzin bahamagara muri aya majambo "Ingo mumasengesho, Ingo bigende neza!"Aba Islamu mwese ku gikorwa c’isengesho rimwe muvuye munyubakwa zanyu. Islamu yemera amasengesho atandukanye. Ubwambere nambere habanza igikorwa co guhimbaza bakoresheje liturgiya yateguriwe umuntu mugihe agira amasengesho yiwe. (Al-Salat).

Hambavu y’isengesho ryemewe n’amategeko, Korowani irerekana isengesho umuntu ashobora gukora ku gatwe kiwe mugihe avyigombeye atiriwe araboherwa ku mwanya (Al-Du'a).

Amashure uko ari ane y’amategeko muri Islamu ashimikira kumugirwa wo kuja mw’isengesho ryabo rya buri musi. Mukugira bashimikire kurutonde rwayo, baca basubiramwo imirongo 86 ya Korowani akaba ariyo tuja kuganirako muri aka gatabu.

2.02 -- Umu Islamu asenga gute?

Korowani iravuga ivyerekeye gusenga ahagaze (Suras Al 'Imran 3:191; al-Furqan 25:64), apfukamye (Suras al-Baqara 2:43; Al 'Imran 3:43; al-Hajj 22:77; al-Mursalat 77:48) kandi yubamitse umutwe kugera ukoze hasi (Suras Al 'Imran 3:43; al-Hijr 15:98; al-Isra' 17:107; al-Hajj 22:77; al-Furqan 25:64; al-Inshiqaq 84:21; al-Bayyina 98:5). Amasengesho y’umu Islamu ashimikiye ku kwiyubaha hamwe no gutinya Allah (Suras al-Baqara 2:238; Al 'Imran 3:43; al-A'raf 7:55; al-Mu'minun 23:2). Ugushima kuruhande rwiwe, umunezero hamwe n’amashimwe ya buri muntu ntabirimwo mu masengesho y’aba Islamu, ariko harimwo uguha icubahiro Allah gusa.

Ugusenga kw’aba Islamu ni ugusubiramwo amajambo y’icarabu "Islamu" risigura" kwitanga, kwishikana, kwihebera ubugombe bwa Allah". Aba Islamu bitahura ubwabo ko ari abaja ba Allah bakaba n’abo yigabira. (Suras al-Hajj 22:77; al-Bayyina 98:5). Bishikana kuri shebuja wabo incuro 34 bisunze liturjiya yabo. Aba Islamu ntibidegemvya. Ni abashebuja. (Sura al-Tawba 9:111) kandi bakaba babaye mubuja.

Muhamedi yategetse abicishije muri Korowani ko vyoba vyiza bakoze amasengesho mbere n’igihe bicaye canke baryamye, na cane cane mw’ijoro, igihe biriwe mubikorwa vya misi yose mugihe c’izuba (Sura Al 'Imran 3 :191). Ayo masengesho aba akozwe igihe baruhutse ntayarimwo muri liturgiya y’abahinga ba Islamu. Ikindi gisizubwenge ni amasengesho bakoresha amaboko mumifuko y’amakanzu yabo canke banyuranije amaguru na cane cane mubi hugu vy’aba Islamu. Ivyo navyo ngo bigafatwa nk’ugusuzugura ubudahangarwa bwa Allah.

Korowani ishimikira kumasengesho asanzwe akorewe mu musigiti aho bose basubiramwo liturgia itegekanijwe (Suras al-Baqara 2 :43 ; Al 'Imran 3 :43 ; al-Hijr 15 :98). Ukwifatanya n’abandi mu masengesho mutonze ku mirongo ikurikirana, bifatwa nk’ibifise akamaro gusumba isengesho ukoreye ukwawe.

Mugihe c’amasengesho rusangi umuntu ategerezwa kuvuga adashira ijwi hejuru ariko yongorera (Sura al-Isra' 17:110).

2.03 -- Umwanya wo gusenga ni ryari

Korowani iravuga kumasengesho yemewe mugatondo no kumugoroba (Suras Hud 11 :114 ; al-Isra' 17 :78 ; Ta Ha 20 :130 ; al-Nur 24 :36 ; Qaf 50 :39 ; al-Insan 76 :25 ; al-Fajr 89 :1-3), ikavuga amasengesho yo kumutaga (Sura al-Baqara 2 :238) ikavuga kandi isengesho ryo mw’ijoro (Suras Hud 11 :114 ; al-Isra' 17 :79 ; Ta Ha 20 :130 ; al-Furqan 25 :64 ; Qaf 50 :40 ; al-Muzammil 73 :1-8). Umwanya w’amasengesho muri Korowani ntiwerekanywe neza. Abanyamategeko b’aba Islamu nibo baciye bagerageza gusigura ko isengesho ryambere ritegerezwa gutangura mugaturuturu ibere y’uko izuba riseruka, igihe umuntu agomba atangure gutandukanya ikintu cera n’icirabura. Irindi sengesho bakarikora igihe c’umutaga. Aya mategeko atuma mu gihe c’ici, bitandukana isaha imwe, izi ni ingorane mpuzamakungu. Irindi sengesho rigira gatatu baca barishira, inyuma y’amasaha atatu ni ukuvuga kumuhingamo. Isengesho rigira kane bakarikora kugahwibiro izuba rirenze. Irindi bakarikora bumaze kwira. Muri ayo masengesho yose uko ari atanu liturgia imwe niyo basubiramwo, incuro 17 buri musi!

Gushira hamwe amasengesho y’aba Islamu vyerekana ko umusi wose awumara ashize umutima n’ivyiyumviro mbere n’ibikorwa vyiwe kuri Allah. Ategerezwa gusenga aho ari hose kandi buri musi kugira ngo yihuze na Allah kandi ngo ashobore gusimba umuriro udashira (Sura Al 'Imran 3:191). Kimwe mubibasuguma ngo baje muri ayo masengesho ni ugutinya umusi w’urubanza.

2.04 -- Umugenzo wo kwihumanura imbere yo gusenga

Korowani yemeza aba Islamu ko batabereye guhimbaza Allah, uko baba bameze. Bibona nk’abanduye batabereye kandi bategerezwa kugira imigirwa y’ukwiyoza imbere ya buri sengesho. Ivyo Korowani iriko iravuga ngaha kubijanye n’ukwihumanura ntibihagije (Suras al-Baqara 2:222-223, 276-277; Al 'Imran 3:42; al-Nisa' 4:43; al-Ma'ida 5:5-6; al-Anfal 8:11; al-Tawba 9:108; al-Furqan 25:48; al-Waqi'ah 56:79; al-Muddaththir 74:4). Imirongo mikeya niyo itanga insiguro kuri iri tegeko. Aho bigaragara cane ni muri Sura al-Ma'ida 5:6: Yemwe abemeye mwe! Nimuhaguruka mugiye gukora Swala, mujye mwoza mu maso hanyu (Munoze mukarabe) ku maboko yanyu hamwe n’inkokora, munahanaguze (ibiganza vyanyu bitose) ku mitwe yanyu, no kubirenge byanyu mugeza aho ikirenge gihurira n’ukuguru Kandi nimuba mufise janaba mujye mwoga. Ariko nimuba mugwaye canke muri kurugendo cyangwa umwe muri mwebwe nava mubwiherero cyangwa mukaba mwabonanye n’abagore ariko mutaronse amazi icyo gihe muze mukora Tayamum mukoresheje itaka ryiza rifite isuku, murihanaguze mu maso hanyu no mubiganza byanyu Allah ntashaka kubashiraho amananiza, ariko ashaka kubasukura no kubasendererezaho ubuntu bwe kugira ngo mumushimire (Sura al-Ma'ida 5:6). Muri Sura al-Baqara 2 :222-223. Ushobora gusangaho uwundi murongo werekana ivyo kwihumanura imbere yo gusenga Allah: Yemwe ntumwa y’Imana (Sal-allalhu alayhi wa Aalih Wa Sallam) barakubaza kubirebana n’abagore igihe baba bari mumihango yabo. Babwire uti: Ni umwanda (no gukora imibonano mpuzabitsina icyo gihe) ni bibi binafite ingaruka mujye muja kure abagore igihe c’imihango yabo ngaruka kwezi Ntimukabegere. Ntimukabegere (mukorana nabo imibonano mpuzabitsina) kugeza ubwo imihango ngarukakwezi ihagaze, nibamara kuyivamwo bakisukura mujye mubonana nabo mu buryo Allah yategetse, mubyukuri Allah akunda abihana bakanicuza, agakunda n’abisukura. 223 Abagore banyu, ni nk’imirima yanyu. Ngaho mujye mujya mumirima yanyu uko mushaka n’igihe mushakiye cyose. Mujye muterurira roho zanyu (mukora ibikorwa byiza munirinda ibya ziririjwe) kandi mutinye Allah, mumenye ko hari igihe muzahura Nawe kandi geza inkuru nziza kubemera. (Sura al-Baqara 2:222-223). Ikindi Korowani ibasezeranira ni uko iyo barishe ikori ry’idini kandi bakanongerako izindi ngabire uwo muntu asenga niho ashobora kwezwa. (Suras al-Baqara 2:267,271,274,276; al-Tawba 9:103; al-A'la 87:14 n’iyindi mirongo). Imvura nayo iroza aba Islamu ivumbi hamwe n’uguhumana. (Suras al-Anfal 8:11; al-Furqan 25:48). Abasenga bose bategerezwa kumesa impuzu zabo imbere yuko basenga (al-Muddaththir 74:4). Na Mariya nyina wa "'Isa" (Yesu), uwatoranijwe mu bandi bagore bose, ategerezwa kwihumanura imbere ya Allah. Allah arakunda abihumanura (al-Tawba 9:108).

Uhejeje gusoma ayo mategeko y’imigirwa yo kwihumanura muri Islamu, ushobora gutahura ko abimukira bo mugihe ca Muhamedi bategerezwa kwiga ibintu vy’ibanze vy’isuku. Korowani ntibasaba kwihumanura mubugingo bwabo ngo bahinduke muri mpwemu. Muhamedi ntiyigeze atahura amasengesho ya Dawidi:

Mana, undememw’umutima utunganye
unsubizemwo umutima uhamye.
Ntunte kure yo munyonga hawe,
Ntunkureko Mpwemu wawe Yera.
(Zaburi 51:10-11).

Kwaba kwoga canke kwihumanura kuba Islamu vyagumye ari inyuma ku rukoba gusa vy’umurenzako, kuko Islamu itazi ugukorana na Mpwemu Yera ico arico kandi bakanahakana bivuye inyuma ukwezwa kw’imitima yacu n’amaraso y’Umucunguzi wacu Yesu Kristo.rdly and superficial, because Islam does not know the influence of the Holy Spirit and denies the purification of our hearts by the blood of Jesus Christ with indignation.

2.05 -- Iyo basenga baraba hategetswe na Allah

Ubwambere, aba Islamu bose basenga baraba i Yerusalemu. Muhamedi yari azi ko azotsinda abayuda, baba mukigobe c’abarabu, ngo binjire muri Islamu. Aca yigana iyo basenga baraba kugira Islamu iboneke nk’iyisa n’idini ry’abayuda. Ariko igihe abayuda bari i Medina batashoboye kwemera Muhamedi nk’intumwa y’Imana yabo baca baramushinyagurira bamutwengera kumugaragaro aca ategeka aba Islamu biwe ko bahindura iyo basenga baraba bahagarika kuraba i Yerusalemu baraba Ka’ba ya kera yo mugisagara yavukamwo. (Suras al-Baqara 2:115,142; al-Isra' 17:1). Maka hari ihuriro rya kera bahimbarizamwo ibigirwamana hamwe n’imizimu. Ishimayeli afatwa ko ariwe yubatse Ka’aba nk’inzu ya se Aburahamu, aho Aburahamu yaza abonanira n’umugore wiwe igihe yari abatunze bose uko ari babiri. Sara aba i Hezironi na Hagar i Maka, akaja abana nabo abakuranya. Aba Islamu biyumvira muri ubu buryo, birengagiza ko Yerusalemu na Heburoni hari ibirometero 2000 ugereranije no gushika Maka. Ukugenda ugaruka mubugaragwa bw’agahinga kanyaganande mu bugaragwa bwo mukigobe c’abarabu ni ikintu ata muntu yoshobora no kuciyumvira nkeswe kugikora. Tumenyeko y’uko Ka'ba ishirwa hejuru gusumba inzu ya Aburahamu uwo bita ko ariwe mu Islamu wambere. (Sura al-Baqara 2:148-150).

Muhamedi amaze kubahishurira aho basenga baraba hashasha nk’itegeko n’igikorwa ca Allah (Sura al-Baqara 2:149). Kuva ico gihe, aba Islamu bose bariko barasenga muri rusangi canke bariko bagira isengesho ryo kugatwe kabo, aho baba bari hose kuri iyi si, baca bunama imbere ya Ka’ba i Maka, bitabaye uko iryo sengesho ryabo ntaco riba rimaze. (Sura al-Baqara 2:148-150).

Bahejeje guheba kuraba Yerusalemu aca arabisha aba Islamu bose i Maka, Muhamedi atabigaragaje yatura ko atari YHWH, Imana yo mw’Isezerano rya Kera, Ariko Allah w’i Maka ko ari we mana imwe y’aba Islamu. (Sura al-Tawba 9:28-29). Uku guhindukira kurugero rw’ 180° kwatumye Muhamedi ahindura atanguza idini ryigenga ryiwe n’abamukurikira (Sura al-Baqara 2:143). I Yerusalemu, ufatiye kumigenzo hizerwa ko hoba hari ingazi ziduga zigashika mw’ijuru, ariko i Medina yemeje abamukurikira ko bose bazohereza mu muriro (Sura Maryam 19:71-72). Yiyumvisemwo ko Shari'a yegeranya muri rusangi ibajana mukuranduka kuko ata mu Islamu n’umwe yoshobora gucungurwa n’amategeko yiwe. Nta mu Islamu n’umwe ashobora gusenga mu biringo 17 buri musi ibihe vyiwe vyo kuboho kwose adasivye, ayo mategeko ya Islamu azocira urubanza kuri buri mu Islamu: 20; Gal 2:16; 3:10; Yak 2:10; Rom 4:15).

2.06 -- Kuwagatanu-Umusi w’isengesho rikuru ry’aba Islamu

Korowani ibaha umusi wa gatanu nk’umusi wo gukoranira hamwe. Muri ayo masengesho ibikorwa vyose bitegerezwa guhagarara. Ariko iri sengesho rirangiye mu musigiti canke mw’ibarabara ibindi bikorwa vyose bica bisubira kwugururwa ubwonyene. (Sura al-Jumu'a 62:9-10). Aba Islamu basabwa kwambara neza igihe bari muri iryo koraniro (Sura al-A'raf 7:31). Umugabo ategerezwa guhimiriza abo mu rugo rwiwe ngo baje muri iryo koraniro, mbere naho boba batari bavyishizemwo canke ngo babikunde. (Sura Ta Ha 20:132).

Muhamedi yahisemwo umusi wa gatanu aravye uko abayuda bahura kw’isabato ku musi wagatandatu abakristo nabo bagahura ku musi wamungu. Ntiyakenera ko bimucanga ngo bibaze ko yafashe umusi uyu canke uriya. Uwagatanu muri Islamu waramaze guta urufatiro rwa Bibiliya rw’umusi wo kuruhuka aho atagikorwa na kimwe kirekuwe gukorwa. Nk’uko Imana yaruhutse imaze kurema isi yose ikabona ko buri kintu ari ciza, abagengwa n’Isezerano rya Kera bose bararuhuka ngo berekane ukuyubaha, ububasha, n’ubwenge vy’Imana yerekanye mw’iremwa no kuyininahaza mukuja mukaruhuko nk’akayo. Uku gutahura kurabura muri Islamu.

Ivyanditwe vyo mw’Isezerano Rishasha ku musi wambere w’imisi indwi, ukuzuka kwa Kristo mbere no guhishura ivyaremwe vyiwe bisha navyo nyene ntabiriyo muri Islamu. Korowani yihakana izuka mu bapfuye rya Yesu Kristo ikemeza ko “Isa’’ yaravye aca arungikwa n’umubiri wiwe afise n’impwemu ya Allah. Muri Islamu nta caremwe gisha ntanukuvuka ubwa kabiri muri mpwemu kw’abizera; bafise ivyizigiro gusa kuvyo gusubira kuremwa, neza na neza mu buryo, bari bariho ubwambere. Bizera ko bazokwongerwa ubushobozi bwo kwabira abagore muri Paradizo.

Haba mukuruhuka canke amahoro yo kuwagatandatu, ntanukuzuka kwa Yesu n’ivyaremwe bisha ku musi w’Imana biha aba Islamu kuwagatanu nk’insiguro yo mu buryo bw’impwemu. Uca ubona n’umusi wo guhurirako nawo unyuranya n’Imana, Data, Mwana na Mpwemu Yera.

2.07 -- Ibigize isengesho

Ibisomwa vy’iyo nteguro ya Liturgiya y’amasengesho muri Islamu atandukanye n’amasengesho avugwa Muri Bibiliya. Ibikorwa vy’amasengesho y’aba Islamu ntaho bihuriye n’amasengesho y’abakristo yoyo yubakiye ku gusaba, kwinginga, gushima no kuninahaza. Amasengesho y’aba Islamu agizwe no gusemerera, kuninahaza, guhimbaza Imana mushoboravyose iri kungoma hejuru y’abaja bayo nk’uwurengeye ikintu cose.

Korowani isaba ko baninahaza Allah (Suras Al 'Imran 3:191; al-Hijr 15:98; Ta Ha 20:130; al-Nur 24:36; al-Furqan 25:58; Ghafir 40:55; Qaf 50:39-40; al-Waqi'ah 56:74; al-A'la 87:1; al-Nasr 110:3 n’iyindi mirongo). Muri ubu buryo, Abanyamategeko babo baciye babategurira amungane abiri bakoresha muri iryo sengesho ryabo:

Himbaza Umwami wanje, Kibirengeye! (subhaana rabbi al-a'laa)
Himbaza Umwami wanje, Ahambaye! (subhaana rabbi al-'aziim)

Ukwo kwiremesha kwambere bagusubirwamwo buri musi muri wa mugirwa w’incuro 17 buri musi bita amasengesho bakarisubiramwo incuro 102 (!) Mugihe ukwo kwiremesha kugira kabiri bagusubiramwo 51 (!). Ibi bintu bibiri batura nivyo bisa n’ibigize isengesho muri rusangi ry’aba Islamu.

Ni igitangaza kubona bavuga Umwami ariko ntibavuge "Allah”: "Mwami wanje!" Vyoshoboka ko Muhamedi ashobora kuba yarumviye ku bayuda ko mukuvuga Imana kuva ubwambere yitwa "Elohim" Ko yari imvugo rusangi mugusigura izindi mana zose zo mubuseruko naryo rikaba riboneka incuro 2600 mw’Isezerano rya Kera aho izina ry’Imana "Yahweh" riboneka 6828 mubitabu vy’Isezerano rya Kera. Yahweh risobanurwa mu carabu "Umwami" (al-rabb).

Mugihe c’amasengesho y’aba Islamu Rugiravyose aninahazwa nka "Mwami wanje". Iri zina rihuye n’umuja yishikana kuri shebuja, bakamwubaha kandi bakanamuhimbaza. Aba Islamu ntibashobora kwitahura nk’abana b’Imana kuko Allah ntaho yigera yiyita se wabo. Baremwe nk’abaja bo kuninahaza umuremyi, umurongozi akaba n’umucamanza w’amahanga.

2.08 -- Ugushirwa hejuru kwa Allah

Uwushimagizwa mu bashizwe hejuru bisa n’irindi jambo bavuga ngo: "Allahu akbar” riboneka incuro 68 mu masengesho ya buri musi. Babivuga incuro 30 bavugiye muminara yo hejuru mubisagara, na cane cane bakoresheje ivyuma biduza amajwi. Iri jambo rishobora gusigurwa ngo “Allah arahambaye” biranasigura kandi "Ni mukuru cane"; bagomvye kwerekana ko atakindi na kimwe womugereranya.

Allah muri Islamu afatwa ko ari mwiza gusumba ikintu cose kibaho, anasumba amabombe yose abaho, umutunzi asumba uwufise amafeza n’ amazahabu afise ubwenge gusumba incabwenge zose zibaho. Allah muri Islamu asumba ibintu vyose bibaho, mbere na Yesu hamwe na Mpwemu Yera kuko nawe bamwita umuja yumvira. Mukwatura uku kwihana incuro zirenga 100 buri musi, gushira hejuru no kwezwa kwa Allah mumasengesho ya Islamu baba babihejeje.

Ukwubaha kw’umuntu ku giti ciwe ntivyerekanwa mumasengesho ya buri musi naho Korowani ivuga incuro zitari nke ku kamaro ko gushimagiza umuremyi (Suras al-Nahl 16:78; al-Mu'minun 23:78; al-Qasas 28:71; al-Waqi'ah 56:70; al-Mulk 67:23 n’iyindi mirongo), kumutangavyose (Suras al-Nahl 16:14; al-Hajj 22:36; al-Rum 30:46; Fatir 35:12; al-Jathiya 45:12 n’iyindi mirongo), Uwutanga ivyagezwe (Suras al-Baqara 2:185; al-Ma'ida 5:6,89 muyindi myinshi) umufasha akaba atakimutsinda. Ngereranije, abanyamategeko ba Korowani barangije bavuga ngo icubahiro ca Allah kirimwo kuyishimira uburyo bwose kuvyo Yaremye.

Mukuninahaza Allah mugihe c’amasengesho uwuharira ivyaha, ugucungurwa ku buntu, kweza ubugingo, guhindura ivyiyumviro n’ingabire y’ibihe bidashira ntavyo bagira. Ibintu vyose Yesu yakoze ivyo Mpwemu w’Imana aduha, ntiboneka mubihe vyabo vyo gusenga. Yesu nk’Imana yihinduye urukundo n’ukuri ntiyiha icubahiro mbere na Mpwemu w’Imana ntavyo agira. Aha niho tubona igihengeri muri Islamu. Aba Islamu birengagiza ko Imana ari Data, kandi ko ikibanza duha umuremyi, akaba n’umurongozi w’isi yose n’umucamanza biba vyirengagijwe. Ntiduhimbaza rugiravyose n’ubwoba kuko aradukunda. Urukundo rwiwe rweranda rwakanguye urukundo rwiwe rw’ubwizigirwa muri twebwe mukumuhimbaza no mukumuha icubahiro.

Aba Islamu ntibazi Imana y’ukuri. Naho bayita Allah, Umwami wabo, uwushizwe hejuru (Sura al-A'la 87 :1), umunyenkomezi (Sura al-Waqi'ah 56 :74), Umunyakigongwe (Suras Al 'Imran 3 :129 ; al-Isra' 17 :110 n’iyindi mirongo) kandi ikaba ari imwe rudende. Ashobora kwitwa rimwe mu mazina yiwe meza 99 haba no mumasengesho y’umuntu ku giti ciwe. (Suras Al 'Imran 3,135; al-Isra' 17 :110 n’iyindi mirongo), naho bavuga ibi vyose aba Islamu ntibazi Imana y’ukuri iyariyo. Amazina yayo ni ibimenyetso vy’ico iri. Iguma idashakashakwa, iri kure kandi ntishikirwa. Allah muri Islamu ari kure, ntazwi kandi ni Imana idatahurika. Muri Islamu nta Data, Umwana na Mwemu Yera abaho. Ubumwe bw’Ubutatu burahakanwa n’aba Islamu nico gituma dutegerezwa kwatura : Allah wa Islamu si Imana y’ukuri ! Si Imana. Yiyita ubwiwe ngo ni Allah, ariko bagahakana imisi yose Imana y’ukuri. Uguhishurwa kwiwe si ukuri barihenda mukumuninahaza.

Korowani ihakana kuninahaza umuremyi (Sura Fussilat 41 :37) Igahakana ukwizera Yesu na Mpwemu Yera nk’umuremyi. Kuri iri ryungane, Allah yiyerekana nk’impwemu ya antikristo yama igwana uko bukeye n’uko bwije na Mpwemu Yera (1 Yohn 2 :22-25 ; 4 :1-5). Iyi mpwemu ihumanye iri muri Islamu igomba ko bayisenga yonyene (Sura al-Jinn 72 :18-19 ; Matayo 4 :9-10).

2.09 -- Amasengesho anyegeje muri Islamu

Igitangaje, mu masengesho ya buri musi, hamwe no muri Fatiha, isengesho rikuru ryo muri Islamu, ntaguharirwa ivyaha kubaho. Ibi bishobora kwugurura amaso yawe ! Ukwihana ivyaha ntikuzwi kandi ntibinakundwa na Islamu. Ikirenze ivyo, Korowani isaba aba Islamu ko bihana ivyaha vyabo (Sura Al 'Imran 3 :133-136,191-195 n’iyindi mirongo), Allah yanategetse Muhamedi ko yosaba imbabazi z’ivyaha vyiwe (Suras Ghafir 40 :55 ; Muhammad 47 :19 ; al-Fath 48 :2 ; al-Nasr 110 :3). Uko Korowani isaba abantu kwihana no gutahura ukuba abanyavyaha n’uko abantu bose bari barazimiye birabura. Aba Islamu baratahura icaha ko ari ikosha ukoreye umuntu canke, kubabaza mugenzi wawe. Ntibasengera mumpwemu yo guca bugufi no kwihana nk’iya Dawidi muri Zab. 51 :1-17.

Kuba Islamu ingaruka zo muburyo bw’impwemu hambavu y’insiguro yo kubabarira abansi bacu bose ivyaha vyabo badukorera, babona ko ari bishasha ariko kandi ko atari vyo (Mat 6 :12,14-15 ; 18 :21-35). Ikirenzeko, Korowani isaba ko abantu bihora canke ko bemera. Ahubwo akamaramaza ni uko Korowani yigisha abantu kwihora canke gutanga amahera kumaraso yasesetse (Suras al-Baqara 2 : 178,194; al-Nisa' 4 :92 ; al-Nahl 16 :126 ; al-Isra' 17 :33,35 ; al-Shura 42 :40 n’iyindi mirongo). Ugutahura ukuri hamwe n’amategeko muri Islamu nivyo bashirako agaciro gusumba kumenya ubuntu n’urukundo.

2.10 -- Amasengesho no kwizera muri Islamu

Korowani isaba ko amasengesho hamwe no guhimbaza Allah bitegerezwa guhagarara ku kwizera. Sura al-Baqara 2 :3-5,177 n’iyindi mirongo). Ndemeye y’aba Islamu irimwo ingingo zine : Allah, Abamarayika biwe, ibitabu vyiwe, intumwa ziwe n’abavugishwa, ivyategekeranirijwe umuntu hamwe n’umusi w’izuka mbere n’umunezero uzoba uri mw’itongo rya Paradizo n’amagorwa n’imibabaro bizoba biri mumuriro (Suras al-Baqara 2 : 177,285; al-Nisa' 4 :136 ; al-Tawba 9 :26 n’iyindi mirongo). Akamaro k’amasengesho muri Islamu bifise ico bihurirako n’izo ngingo zo kwizera uko ari zitandatu. Uwutubakiye kuri izo ngingo zitandatu n’uwutizera kandi yavumwe (Sura al-Nisa' 4:136). Uwo wese yizera Yesu Kristo ko ari umwana akanizera ko Mpwemu ari Imana aravumwe kubwa Islamu na Korowani. Allah ubwiwe bo n’impwemu yiwe baramurwanya (Suras al-Baqara 2 :97-98 ; al-Tawba 9 :29 n’iyindi mirongo). Amasengesho yiwe ntazokwemerwa na Allah mbere n’uguhimbaza kwiwe azokubona nk’ukwindyadya.

Ukwizera kwa Islamu gusaba ukwemera ukudahangarwa kwa Korowani (Sura al-Baqara 2 :2-5) Ukanemeranya ko ariyo yakosoye ikanuzuza ibindi bitabu vyose vyaje imbere. Ukwizera hamwe n’amasengesho y’umu Islamu bizoguma ataco bimaze kiretse igihe yokwizera Muhamedi kandi ataco arinze kubaza agaca anizera n’abamusubiriye (Caliph) Suras al-Anfal 8 :1,46 ; al-Tawba 9 :71 ; al-Nur 24 :56 ; Muhammad 47 :33 ; al-Fath 48 :17 ; al-Hujurat 49 :15 ; al-Saff 61 :10-12 n’iyindi mirongo). Atakwizera no kwubaha, kubwa Korowani igituma n’intumbero yo gusenga Allah biba ata ntumbero bifise kandi aba yarazimiye. Amasengesho yo gukinga ingorane hamwe n’ingwara aba yemewe gusa uyakoze muri ubu buryo (Suras al-Nahl 16:91; al-Nas 114:1). Igitungwa cose kibazwe kibagwa mw’izina rya Allah kuko igitungwa cose kibazwe hadakoreshejwe uwo mugenzo gifatwa nk’ikinyuranije n’amategeko (Suras al-Baqara 2 :173 ; al-Ma'ida 5 :3-5 ; al-An'am 6 :118-119,145).

2.11 -- Gusenga no gutanga muri Islamu

Itegeko rya Allah rihamagarira abantu kuja gusenga rifatanye n’ugutanga amakori y’idini incuro zirenga mirongo ibiri (Suras al-Baqara 2 :3,43,83,177 ; al-Ma'ida 5 :6,12 ; al-Tawba 9 :5,11,18,103 ; al-Ra'd 13 :22 ; al-Hajj 22 :77-78 ; al-Mu'minun 23 :8-9 ; al-Nur 24 :56 ; al-Sajda 32 :16 ; Fatir 35 :29 ; al-Shura 42 :38 ; al-Ma'arij 70 :22-25 ; al-Bayyina 98 :5 n’iyindi mirongo). Muhamedi yarasiguye : '''Mu vy’ukuri abasoma igitabu cya Allah (baba bacyisomera ubwabo cyangwa bagisomerwa n’abandi, baba basubiramwo amagambo yacyo bafashe mu mutwe cyangwa baba basoma mu nyuguti), ariko byose babisoma muburyo bwiza, kandi bagakora swala ubuhozaho, bakanatanga zaka ku ibyo twabahaye, baba babikoze mu ibanga cyangwa ku mugaragaro, abo nibo baba bafite ibyiringiro (byo kuzungukira) mu bucuruzi butazahomba. Kugira ngo Allah azabagororere ibihembo byabo kandi byuzuye, ndetse akanabongerera abikuye mu buntu Bwe. Mu by’ukuri Allah ni Ghafurun (Uhebuje mu guhanagura ibyaha), Shakurun (Ushimira abantu ibyiza bakoze akanabatuburira ibihembo by’ishimwe). (Sura Fatir 35:29-30). Muhamedi yari umudandaza w’inzobere. Nta n’amakenga yagize yo kwita idini ryiwe ko ari urudandaza na Allah. Guhimbaza kurimwo gutanga biboneka kuri we nk’ivy’ingirakamaro gusumvya amasengesho asanzwe. Yasuzuma isengesho ryose rya Islamu iyo ritagiramwo gutanga ryaboneka nkirinyantegenke. Yama abwira aba Islamu biwe "gusenga no kuriha" bitegerezwa kwama biri hamwe''' (Suras al-Mu'minun 23 :1-6 ; al-Nur 24 :56 ; al-Sajda 32 :15-16 ; al-Shura 42 :36-38)!

Muguhamagarira abantu biwe gusenga Allah hamwe no gutanga yaca anabasaba ko bokwizera, bakubaha kandi bakagira ukwihangana. Yama ahimiriza abamukurikira abasaba ko boshira ivyizigiro vyabo kuri Allah kandi bakanizera ko mukwinjira muri paradizo bizokunda igihe bazoba bararengeye ugukunda amahera, bagasenga uko bukeye uko bwije, kandi bakaniyemeza gutanga (Sura al-Ma'arij 70 :19-25). Yategetswe na Allah: Akira sadaka baguha bayikuye ku mitungo yabo, uyibasukurishe inabashoboze gutungana, ndetse unabasabire, mu by’ukuri ubusabe ubakoreye butuma bagubwa neza. Allah ni Samiii’un (Uwumva byose), ‘Aliimun (Umumenyi uzi neza buri kintu) (Sura al-Tawba 9:103). Hanyuma y’amezi (ane) matagatifu (ukwa 1, ukwa 7, ukwa 11 n’ukwa 12 yo kuri karendari ya kIslamu) narangira, -muzagwane- maze mwice ababangikanyamana aho muzababona hose. Muzafate bunyago (nk’uko namwe babibakorera), muzabagote munabubikire muri buri nzira mushobora kububikiriramo yose. Ariko nibihana (bakemera kuba aba Islamu), bagakora swala ubuhozaho, bagatanga zaka, muzabarekure bagende. Mu by’ukuri Allah ni Ghafuru (Uhebuje mu guhanagura ibyaha), Rahiimu (Nyirubuntu bwose)! (Sura al-Tawba 9:5).

Kubwa Korowani umwansi igihe asenze akongera agatanga aca aba umukunzi ! Ntiyirigwa arahindura ingeso. Ashobora kubandanya abaho uko yari ameze ubwambere, ariko agategerezwa gushitsa itegeko rya Shari’a, aho bazoca bafatwa nk’abavukanyi basangiye idini (Sura al-Tawba 9 :11).

Muhamedi yaragerageje kwigarurira abayuda ngo baje muri Islamu yiwe kugira ace yigaruri ra ubutunzi bwabo yari ababonana ; Ngo abigumirize mw’izina rya Allah. Aca arababwira mw’izina rya Allah: Allah yakoranye isezerano n’abana ba Isiraheri (Abayahudi). Tubahitamo abatware cumi na babiri (bo gutegeka imiryango yabo cumi n’ibiri). Allah aravuga ati : Mu by’ukuri njye ndikumwe na mwe, niba muzakora swala ubuhozaho, mugatanga zaka, munemere intumwa zaNjye (zose), munazishigikire, mukanaguriza Allah inguzanyo nziza (mutanga kumitungo yanyu mu nzira ya Allah, mukanafasha abakene). Rwose nzabahanaguraho ibyaha byanyu, nzanabinjiza muri Jana zitembamo imigezi. Nyuma y’ibyo muri mwebwe uzahakana, azaba ayobye avuye mu nzira igororotse (Sura al-Ma'ida 5:12).

Munyuma aca asaba abantu bahawe igitabu: Kandi bategetswe kutagira undi bagaragira uretse Allah ari We wenyine baramya, (kandi bategetswe guhakana ukwemera kujyana no kugaragira ibigirwamana, gutyo baharanire ukubohorwa bava mu buryarya) kandi bagahozaho swala by’ukuri (banabishizeho umutima), banatanga zaka; Iri ni Idini ryemejwe na Allah (kandi inzira yaryo iganisha abantu ku bunyangamugayo no kwicisha bugufi, kandi bibayobora ku gukora imirimo y’ubukiranutsi bategetswe na We). (Sura al-Bayyina 98:5).

Abayuda hamwe n’aba Islamu bose basabwe : Yemwe abemeye mwe ! Ni mwuname, mwubarare hasi, (mukora swala), mugaragire (Allah) Umugenga wanyu; kandi mukore ivyiza kugira muzatsinde… (Sura al-Hajj 22:77-78).

Umaze gusoma iyo mirongo uzoca usanga ko muri Islamu gusenga no gutanga ni ikintu gikiza aba Islamu, abanyavyaha, abansi hamwe n’abayuda. Ugusenga kwabo no gutanga kwabo muri Islamu kwerekana ukuri kwo kwishikana kuri Allah na Muhamedi.

2.12 -- Amasengesho n’intambara nyeranda

Aba Islamu basoma incuro nyinshi muri Korowani yabo ibijanye n’umugambi Allah afitiye amahanga (Suras al-Baqara 2 :139 ; al-Anfal 8 :39 ; al-Fath 48 :28 ; al-Saff 61 :9). Uku kwinjiza bantu muri Islamu ntigukwiye gukorwa gusa mu majambo canke mubikorwa gusa ariko bafise n’ibigwanishwa mu maboko yabo. Amasengesho n’ibigwanishwa biri hamwe muri Islamu. Abakurikiye Muhamedi bategerezwa kwozwa mubwenge bwabo. I Maka barahamwa, inkehwa zarimbura ivya Allah mu masengesho, bababazwa bakanihanganira ababashinyagurira (Sura al-Baqara 2 :216). I Medina ibintu vyose birahinduka. Muhamedi aca atanguza igisoda co kurwana ico inyuma y’urupfu rwiwe (632 A.D.), baciye bigarurira ahantu hasumba uburayi bwose buteranye. Mbega ibi bishoboka gute, aho umuntu ava mubasenzi biyoroheje agahinduka umurwanyi ?

Dushobora gusoma muri Korowani : Kandi nimuba muri ku rugendo, nta cyaha muzabagwaho nimwagabanya swala, mugihe mwaba mutinya ko abahakanyi bashobora kubagirira nabi. Mu by’ukuri abahakanyi ni abanzi banyu batihishira. 102. (Yewe ntumwa y’Imana (Saal-Alaahu’alayhi Wa Aali Wa Sallam) we !) kandi n’igihe uzaba uri kumwe nabo (bayisilamu muri ku rugamba) ukabayobora muri swala, muribo hazavemo itsinda rihagararane nawe (rikora swala), ariko rinakomeze guhagatira intwaro zaryo. Nirirangiza gukora sijida (kwubarara), ribe ariryo rijya inyuma yanyu (kurinda abandi) ; maze (ryari inyuma) ritari ryakora swala naryo rize mukorane swala, ariko naryo ribe maso rinakomeze guhagatira intwaro zaryo (muri icyo gihe ririmo gukora swala) abahakanye bo icyo bifuza ari uko mwarangara ntimwite ku ntwaro n’ibikoresho vyanyu maze bakabagwa gitumo bakabaterera icyarimwe babatunguye. Nta kibi cya bagwaho, haramutse hari imbogamizi mufite nk’imvura cyangwa mu rwaye ntimushobore guhagatira intwaro zanyu. Ariko murye mukomeza mube maso, mu by’ukuri Allah yateguriye abahakanyi ibihano bisuzuguza (Sura al-Nisa' 4:101-102).

Muntambara nyeranda abantu bararekuriwe gusenga baryamye canke bicaye (Sura al-Nisa' 4:103). Yemwe abemeye mwe! Nimusakirana n’ingabo (z’abo banzi banyu), mujye mushikama mushire ubwoba murwane nabo (inkundura ntagutinya), kandi mujye musingiza Allah cyane kugira ngo mutsinde. (Sura al-Anfal 8:45). Muhamedi ni intumwa ya Allah. N’abari kuruhande rwe ntiborohera na gato abahakanyi (babasagariye), ariko bo bahorana kugirana impuhwe, ibikorwa by’urukundo no kugirirana neza hagati yabo. Ubabona bunamye, bubarara hasi (bashyize mu maso habo kubutaka), ... (Sura al-Fath 48:29).

Usomye iyi mirongo ugaca unayigereranya n’ibindi bivugwa muri Korowani kubijanye no gusenga uca ubona yuko amasengesho yemewe ari gutanga no kurwana mu ntambara nyeranda vyerekana inguvu zidasanzwe zikoreshwa mugukwiragiza Islamu hamwe n’ukwiyeza kw’aba Islamu (Suras al-Baqara 2:177,195; Al 'Imran 3:92; al-Nisa' 4:95; al-Hajj 22:77-78; Fatir 35:29; al-Bayyina 98:5 n’iyindi mirongo).

2.13 -- Guhamagarira abantu isengesho ryemewe

Incuro cumi ku musi aba Muezzin bahamagarira kuminara, "Ingo mu masengesho! Ingo gutunganirwa!" Basezeranira abantu ko bazomenya mu mashure, mu mibano yabo no mu buzi kuri abo basenga badasiba. Igihe aba Islamu benshi basenga kandi bakanatanga amakori y’idini igihugu cabo kizotunganirwa. Ikirenzeko, gusenga, ni ugutanga ingabire no kurwana bizana intsinzi kuri Islamu hamwe no kubugururira kwinjira mu bugingo butazoshira (Suras al-Baqara 2:2-4; Al 'Imran 3:101; al-A'raf 7: 8,156-157; Ibrahim 14:37; al-Mu'minun 23:1-11,102; Fatir 35:29 n’iyindi mirongo). Muri liturgiya yabo abasenga basubiramwo incuro 17: "Allah yumviriza uwumushira hejuru!" Baca bibaza ko ugusenga kwabo arikwo rupfunguzo rwo gutera imbere muri ubu buzima hamwe no mubuzima buzoza.

Korowani ibihe bitari bike iravuga ibijanye n’intsinzi hamwe n’ukuroranirwa mbere no muri kazoza igihe umu Islamu azokwinjira mw’itongo ryo muri paradizo ririmwo inzuzi ivyamwa hamwe na vya vyaremwe vy’abigeme b’isugi. Iyi niyo izoba impembo yabo yo kumasengesho yabo no kungabire zabo kubw’ukwizera kwabo hamwe n’ibikorwa vyabo, haba no mukurwana muntambara nyeranda mbere no mugupfira muntambara nyeranda (Suras al-Tawba 9:71-72; al-Dukhan 44:57; al-Jathiya 45:30; al-Saff 61:12; al-Taghabun 64:9; al-Buruj 85:11 n’iyindi mirongo). Mbere Korowani iranabona ko Kristo azovugira abazoba bamukurikira vy’ukuri (Sura al-Ma'ida 5:118-119). Nta mu Islamu, uravye inyigisho za Korowani, azokwinjira muri Paradizo. N’iminezero idasanzwe y’iyi si (Sura al-Jinn 72:8).

Naho biri uko Muhamedi yagize aho ageza amasezerano yiwe aca yongerako iri jambo ngo "hari igihe". Ahejeje gusaba abantu ko bosubiramwo Korowani, bagasenga, bakariha amakori y’idini, kandi bakanamwubaha aca yongerako ngo: "Haraho yobagirira ikigongwe" (Suras al-A'raf 7:204; al-Nur 24:56 n’iyindi mirongo).

Umuntu wese ashira umutima kuri Allah, agasenga buri misi incuro zitanu, mbere agatanga ijoro n’umutaga, ashobora kuzogira "kuroranirwa" (Suras al-Isra' 17:79; al-Hajj 22:77; al-Jumu'a 62:10 n’iyindi mirongo).

Muri Islamu ntacemeza uguharirwa ivyaha, ntanukumenya neza udakekeranya ko waronse agakiza, canke kumenya neza ko ubikiwe ubugingo budashira nkuko abakirikiye Kristo babihawe. Allah yahaye aba Islamu biwe ivyizigiro bidashitse.

Hambavu y’ukwo kudatomoka neza, aba Islamu baca basaba Allah ngo abarongore (Suras al-Fatiha 1:5-6; al-Baqara 2:2-5; Al 'Imran 3:101 n’iyindi mirongo), barondera amahoro yo mumutima bahimbaza uwushizwe hejuru (Sura al-Ma'arij 70:22), bakizigira y’uko amasengesho yabo azohanagura ibikorwa vyabo bibi bakoze (Sura Hud 11:114)! Mugihe c’ihamwa biyumvira kwegera Allah mu masengesho (Sura al-'Alaq 96:9-19) bagaca barindira impera zabo (Sura Ghafir 40:60). Bagerageza kurengera ubwoba bafise kuri Allah n’umusi wiwe w’urubanza mukumwunamira. (Sura al-Hajj 22:35) bakanagerageza kumenya imibabaro yabo n’ukwihebura muguhamagarira umuntu wese kugira amasengesho yo kugatwe kiwe (Sura al-Sajda 32:16).

Korowani ibasezeranira ko amasengesho yabo azokwoza ivyaha vyabo kandi akanaharurwa nk’igikorwa ciza cane cane iyo harimwo gutanga (Suras al-Ma'ida 5:6; al-Tawba 9:103; al-'Ankabut 29:45; Fatir 35:18; n’iyindi mirongo). Bagerageza guhungira kuri Allah kugira baronke uguharirwa n’amadeni yabo bakanarenga amabwirizwa yabo ataco baronse ibwina muribo ko boba bahariwe ivyaha vyabo (Suras al-Tawba 9:102; al-Qasas 28:67; al-Tahrim 66:8).

Islamu si idini rihagaze ku buntu bw’umucunguzi wabo, ariko bagerageza kwubaka agakiza mugushitsa amategeko yabo mu masengesho, gutanga no kugwana kuba Islamu kugira bashike mw’itongo ry’ibihe bidashira (Suras Al 'Imran 3:136; al-Ma'ida 5:12; al-Tawba 9:20-22,88-89,111; al-Ra'd 13:22; al-Isra' 17:79; Maryam 19:34 al-Saff 61:10-12 n’iyindi mirongo).

2.14 -- Habura iki mw’isengesho ry’aba Islamu?

Muhamedi yategetse abigishwa biwe kwiyumvira kuvyo basenga kubera incuro 17 basubiramwo Liturgiya yabo irangizwa no kwongorera ibitumvikana batiyumviriyeko. Amasengesho ya buri misi atiyumviriweko ataningingo atuma bafata kukugomba kwabo ntibiboneka mu masengesho yabo ya buri musi (Sura al-Baqara 2:177).

Ninde yize ivya Litturgiya yo kuninahaza Allah atosangamwo ukwinginga kw’aba Islamu, abayuda, abakristo canke abandi bantu. Mbere n’ababanyi, abagenzi ntibavugwa mumasengesho kiretse mumasengesho rusangi mukurangiza liturgiya yabo muri rusangi.

Ukwo kubura kw’ukwinginga gufatanye n’ukwemera kwa Islamu ko ata munyavyaha arekuriwe kwingingira abandi canke ngo abikorerere imitwaro (Suras al-An'am 6:164; al-Isra' 17:15; Fatir 35:18; al-Zumar 39:7; al-Najm 53:38). Inyuma y’uko ata mu Islamu yomenya neza ko yahariwe ivyaha vyiwe ku musi w’urubanza, n’ukwinginga burimusi kubwa Korowani ntibishoboka. Umuntu wese ategerezwa kwubaka agakiza kiwe kandi akanikorera igihano ciwe ubwiwe.

Uburenganzira bumwe bw’abakristo bwo gusenga ntibuhagaze kukugororoka kwabo n’urukundo ariko atari ugucungurwa kw’ukwitanga kumusalaba kwa Yesu Kristo no guharirwa ivyaha biciye kurupfu rwiwe rwo kumusalaba. Ubweranda bwa Yesu Kristo, ukwera no kutagira icaha mbere na Korowani irabivugako bituma twinginga uwo yapfuye urupfu rutangaje nk’umuherezi mukuru. Ariko Muhamedi, we yategekwa gusaba imbabazi z’ivyaha vyiwe kugire ashobore guhura na Allah (Suras Ghafir 40:55; Muhammad 47:19; al-Fath 48:2; al-Nasr 110:3). Muri Islamu nta Mpwemu w’Imana abaho nk’uko biri mw’Isezerano Rishasha. Ukubera ivyo urukundo rw’Imana ntirwoshobora gusesekarira mumitima y’aba Islamu (Abaroma 5:5b). Nta mpwemu yo kwinginga isuguma abo gusenga.

Ikinyuranye no kwinginga muri Islamu, naho biri uko, ni amasengesho yo kuvuma ya Muhamedi yo muri Korowani. Hari integuro yo kuvuma yasavye Allah ngo agwanye abakristo mu gihe cose batuye ko Yesu ari Umwana w’Imana (Sura al-Tawba 9:30)! Muhamedi "yarapimye" Umusenyeri w’ i Wadi Nadjran ari kumwe n’abo bagendanye b’abakristo mirongo itandatu (60) ngo bazane abana babo n’abagore babo ngo basabe Imana ikimenyetso. Ngo Muhamedi n’abamukurikira n’abahungu babo n’abagore babo bace bahagarara bahanganye ngo basabe Allah kugira ababeshi abakomvomvore nka kumwe yakomvomvora bene Kora (Sura Al 'Imran 3:61). Aba Islamu barakoresha amasengesho mukuvuma abantu muntambara nyeranda nk’uko bamwe mubarongozi babo bakoresha ubupfumu n’uburozi mukurwanya abansi babo hamwe n’abajanabutumwa nabo nyene.

Mubijanye n’amasengesho atari meza biri muvyo Allah yabategetse ngo ntibaze basengere kumva y’abatizera (Sura al-Tawba 9:84). Muhamedi yaranavuma ibiziga vy’abansi biwe agaca abasaba ko bobata mubinogo bibi igihe bari barangije intambara y’i Badr. Aba Islamu ntibakunda abansi babo (Suras Al 'Imran 3:28; al-Nisa' 4:89; al-Anfal 8:72-73; al-Mumtahina 60:1 n’iyindi mirongo). Amasengesho yabo rimwe na rimwe aba afatanye n’inzigo. Amasengesho muri Islamu ntasigura guharira canke gukunda, ariko guhenda henda Allah bibaza ko azobahezagira akanabaha kuroranirwa.

2.15 -- Abasenzi bo muri Bibiliya bavugwa muri Korowani

Muhamedi yemeye inkuru zimwe zimwe zo muri Bibiliya ngo zije muri Korowani, ariko aca azihindura ngo zivuge nk’uko Islamu igomba.

Allah muri Korowani yategetse Mose, amaze kwerekwa muri ca gisaka caka umuriro ngo asenge amasengesho y’umugenzo (w’aba Islamu) ngo anatange amakori y’idini (Sura Ta Ha 20:12-14)! Mu ntango, Imana mushoboravyose yihishuye nk’Umwami kuri Mose ariko ica Imubwira ko muvy’ukuri ari Allah kandi ko atayindi mana iriho atari yo yonyene. Igitanganza c’izina YHWH cagumye ari ikinyegezwa kuri Islamu ariko baca bahagarara kuvyo Allah agomba. Amategeko ya Mose aca acanganywa na Sharia (Sura Ta Ha 20:3-16).

Abisirayeri bose basabwa kugumya isezerano ryabo na Allah, kuko yagumije isezerano ryabo nabo. Bategerezwa gutinya (si gukunda) Allah, bizere ko Korowani yaje gushitsa ibiri muri Torati, bakanakurikiza amategeko ya Islamu kuvyo gusenga, bagatanga amakori yabo y’idini baca bunama hamwe n’abariko bunamira Allah (Sura al-Baqara 2:40-43).

Umuherezi zakariya aravugwa muri Korowani incuro zitari nke ko yahawe umuhungu mwiza hanyuma aranavugana n’umumarayika, mugihe co gusenga, ahishurirwa inyishu ya Allah kuvyo yari yamusavye. Muri iki gihe Muhamedi yagerageje guhuza isengesho rya buri muntu ku giti ciwe (al-du'aa’), hamwe n’isengesho ryemewe (al-salaat) mukwerekana, ko ari honyene mugihe co kuninahaza gusa umuntu yokwitega inyishu y’ibibazo vyiwe (Sura Al 'Imran 3:38-39).

Mariya, nyina wa Yesu, afatwa nk’umugore w’umusenzi muri Korowani, ngo ntiyahagarika gusenga aho yari ari mumfuruka yo murusengero akabikora ijoro n’umurango. Kubera yama asenga burimusi "Araba mukibanza cemewe" intumwa yimana yama imuzanira ivyo arya buri musi. Aca abishingira intahe, "Allah atanga ivyo umuntu akeneye buri musi kuwo agomba, ataco arinze kumusaba." Iyi ntahe yaje mugushaka gusigura ko abasenga buri musi baronka umukate wa buri musi (Sura Al 'Imran 3:37).

Munyuma "Umumarayika" ahishurira Mariya uwo Allah yari yarahisemwo, aramweza aca anamutora kuzoba umukenyezi asumba abandi bakeneyezi bo mw’isi bose no mubihe bizoza. Ategerezwa kwishikana kuri Allah, akanamwunamira akanapfukama hamwe n’abamusenga. Muhamedi yemeye ubweranda bwa Mariya ngo anezereze abakristo b’aba Orthadoxe binjire muri Islamu. Muri ubwo buryo nyene aca anerekana ko Mariya ariwe mugore w’akarorero mubagore bose b’aba Islamu amwerekana nk’umwizigirwa asenga muburyo bwa liturgiya (Sura Al 'Imran 3:42-43).

"'Isa" nawe nyene yarerekanywe nk’uwishuye ibibazo vyari vyihutirwa kubigishwa biwe aca asenga Allah ngo abagaburire imfungurwa zivuye mw’ijuru. Allah ubwo nyene aca yumva amasengesho y’umuhungu wa Mariya, bisigura ko Korowani yashingiye intahe Kristo ko yashobora gusengera abamukurikira kuri Allah kandi akamwishura (Sura al-Ma'ida 5:112-115). Kristo naho biri uko, ntiyasenze nk’uko imigenzo ya Islamu ibivuga cnke ngo asenge Allah ariko Elohim, mucarabu ni: Allahumma, Kuko Muhamedi iri zina niryo ryaboneka ko ari iribereye kuba nk’urupfunguzo ngo umenye udakekeranya ko Allah akwishura.

Kristo Muri Korowani, amaze gupfa, aca aduganwa mw’Ijuru. Afatwa nk’uwasabiye abamukurikira b’abanyantege nke mukiganiro n’Imana mushobora vyose. Aramubaza bitagaragaye ko yobaharira ivyaha vyabo. Kristo, kubwa Islamu, abana na Allah! Ariko Muhamedi wewe yarapfuye! Igikorwa c’umuherezi mukuru ca Kristo kiboneka nk’igitutu kizimanganije muriKorowani (Sura al-Ma'ida 5:116-119).

2.16 -- Itandukaniroo hagati y’amasengesho y’aba Islamu n’ay’abakristo!

Umu Islamu ntashobora kwegera Allah nk’umwana yegera se. Amasengesho y’aba Islamu ahagaze ku kwubaha hamwe no gutinya Allah kuba Islamu. Amasengesho muba Islamu ntasa n’ikiganiro hagati y’umuvyeyi wa twese wo mw’ijuru yama yiteguye kwumva ijoro n’umutaga ivyo abana biwe bamusaba. Incuro zitanu basenga bazitegetswe na Shari’a ni itegeko rizwi rikanakurikizwa ijambo kurindi. Umuntu akora uyu mugirwa arubahwa muri iki gihe no mugihe kizoza. Uwutabikora azotandukanwa n’imigisha y’Inyabushobozi kandi anahanwe igihano c’ibihe bidashira. Ukuninahaza Allah nico Islamu ihagazeko kandi bikanatanga ukwishikana kw’umu Islamu ku mwami wiwe abona !

Aba Islamu ntibazi Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, baca mbere banahakana ubumana bwiwe ! Basenga baraba ahatariho! Ntibazi Umucunguzi wabo! Ntibanigera bihana ivyaha vyabo mumasengesho yabo haba no muri Fatiha. Bagerageza kwisigura mumasegesho yabo, mugutanga no muntambara nyeranda. Mpwemu Yera ni icaduka kuribo. Ubumana bwiwe barabuhakana. Kubera ivyo impwemu ya Data n’Umwana ntisengera muribo. Muri Islamu ntabuzima bwo muri Mpwemu. Nta rukundo rw’Imana rubafasha guharira abansi babo kandi n’Imana ikabaharira.

Amasengesho muri Islamu ni umugenzo wo guha icubahiro Allah ataco bamushimira canke ngo banamusabe, atan’ico bamwinginga ngo abafashe atan’indirimbo zo kumuha icubahiro. Mumusigiti ntandirimbo zibayo, kiretse bavuye mumyiyerekano canke muntambara ngo baterane. Aba Islamu ntibazi igituma duhimbaza. Ugutinya icubahiro ca Allah nikwo kuganza uguhimbaza kwabo. Ihimbaza rifatiye kubutumwa bwiza, ryuzuye umunezero wimbitse kandi wumvikana kandi ukaduha ivyizigiro vy’ubugingo budashira. Ubuntu bwa Yesu Kristo n’ubushobozi bwa Mpwemu Yera burema ibihe bidasanzwe gusumba ivyo wosanga muri Islamu. Ukuremeshwa kw’Imana gutuma ukwihana nyakuri kutubohora biciye murupfu ry’ukuducungura rwa Kristo. N’igihe turi ko twicisha bugufi duca tugira ukuremeshwa nka Dawidi muri Zaburi 51 :12 : Unkomorere umunezero w’agakiza kawe ; unshiremwo umutima mwiza wo kukwubaha (Zaburi 51 :12).

Allah muri Islamu si Imana y’Ukuri ! Aba Islamu banka ubuntu bwa Yesu Kristo, urukundo rw’Imana n’ugusangira Mpwemu wayo Yera. Kubera ivyo, ukwihebura n’ukuba mwirinde biba bitwikiriye ugusenga kw’aba Islamu. Abasenga ntibakira ugucungurwa ntanamahoro basigarana.

2.17 -- UTUBAZO

Mwene Data musomyi!

Nimba wize aka gatabu neza cane, ushobora kwishura vyoroshe ibi bibazo bikurikira. Uwo wese yokwishura ku bice 90% ibibazo vyose biri muri utu dutabu indwi uko biri neza, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo ruvuye mu kigo cacu ku bijanye

N’inyigisho zo ku rwego rwo hejuru
mu gutahura imizi ya Shari’a muri Korowani

nko gutera intege uwo wese azobandanya akora igikorwa ca Kristo.

  1. Umu Islamu ategekwa gusenga kangahe buri musi?
  2. Mbega isengesho rusangi rya Allah hamwe n’iry’umuntu kugiti ciwe bitandukaniye he?
  3. Mbega umu Islamu aricara, arahagarara, arapfukama canke arunama mw’isengesho ryiwe?
  4. Ijambo Islamu risigura iki?
  5. Mbega umu Islamu yunamira Allah incuro zingahe mumasengesho yiwe uko ari atanu ya buri musi?
  6. Mbega aba Islamu basengeye hamwe bibaha akunguko gaki?
  7. Umu Islamu asenga ryari kumusi kubwa Korowani hamwe na Shari'a?
  8. Mbega asubiramwo liturgiya imwe kangahe kumusi?
  9. Bisigura iki igihe umu Islamu yihumanura ku musi imbere yo gusenga?
  10. Mbega Sura al-Ma'ida 5:6 ikwigisha iki kubijanye no kwihumanura muri Islamu?
  11. Mbega umu Islamu yiyumvira iki kimwoza ivyaha hambavu yo gukora amasengesho yiwe y’umugenzo?
  12. Kuki amasengesho y’umu Islamu atagira agaciro igihe badasenze batumbereye ahemewe?
  13. Ninde aba Islamu bavuga ko yoba yarubatse Ka'ba?
  14. Kuki aba Islamu ubwambere basenga baraba i Yerusalemu?
  15. Bisigura iki igihe Muhamedi yahinduye iyo basenga baraba bareka Yerusaremu batumbera Maka?
  16. Ni uwuhe musi aba Islamu batoye w’isengesho rikuru mu ndwi?
  17. Kuki uwo musi basengako utagira akamaro ugereranije n’isabato kubayuda canke n’uwamungu kubakristo?
  18. Ni kangahe buri musi umu Islamu asubiramwo, "Imana ni Nkuru, Irahambaye"? Mbega bavuga incuro zingahe, "Ninahaza Imana, Iyihambaye"?
  19. Mbega ukubandanya batura ivyo bintu bibiri bisigura iki?
  20. Mbega umu Islamu asubiramwo kangahe buri musi ngo "Allah arahamabaye,"?
  21. Kuki aba Islamu batazi Imana nyayo atari amazina meza 99 n’ayandi mazina?
  22. Ni ikihe kibura mumasengesho azwi y’aba Islamu?
  23. Kuki Korowani isaba aba Islamu bose ko mukuninahaza Allah bokwisunga ndemeye y’aba Islamu?
  24. Mbega ibintu itandatu bigize ndemeye y’aba Islamu ni ibihe ?
  25. Kuki umuntu asenga cane kwisi atizera ndemeye yába Islamu bamufata nk’uwutizera ?
  26. Kuki umuntu wese yizera ko Yesu ari Umwana wa Allah avumwe ?
  27. Kuki umu Islamu wese asenga adategerezwa kwizera Allah gusa ariko na Muhamedi ?
  28. Kuki buri gikoko gitegerezwa kubagwa mw’izina rya Allah ?
  29. Ni uwuhe murongo muri Korowani ukwereka ko amasengesho no gutanga muri Islamu ari urudandaza na Allah ?
  30. Ni hehe muri Korowani usoma ko gutanga vyeza umu Islamu atanze ?
  31. Mbega Allah yovuga gute, " Nzoba ndikumwe nawe niwasenga ugatanga niwizera Muhamedi kandi ukanampa n’ingurane ikwiye” ?
  32. Mbega amasengesho n’intambara nyeranda bihuriye kuki?
  33. Mbega umu Islamu yiteze inyungu ki mu masengesho yiwe ya buri musi?
  34. Mbega ukwo kuninahaza kwiwe yiteze ko kuzomuha iki inyuma y’ubu bugingo?
  35. Kuki Muhamedi amaze gusezeranira abantu ibitari bike yavuze, "Haraho", ivyo bisigura iki?
  36. Kuki aba Islamu basaba Allah ngo abayobore, abahe amahoro kandi abagirire ubuntu?
  37. Kuki atacemeza ko bahariwe imbere ya Allah?
  38. Bisigura iki ko amasengesho y’aba Islamu adasabira abandi?
  39. Kuki abakristo baharira ababagiriye nabi mugihe aba Islamu bobo bategerezwa kwihora?
  40. Ni hehe muri Korowani herekana ko Muhamedi yadukanye akanakoresha amasengesho yo kuvuma?
  41. Kuki aba Islamu batarekurirwa gukunda abansi babo ?
  42. Ni bande berekanwa nk’abasenzi muri Korowani ?
  43. Mbega isengesho ry’aba Islamu n’iry’abakristo bitaniye kuki ?

Mukwishura ibi bibazo Umuntu wese ararekuriwe gukoresha ibindi bitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu mu nyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagukomeza, akagutuma, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwose!

Abo musangiye umurimo,
Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:
info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 19, 2022, at 08:44 AM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)