Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":

Home -- Kirundi -- 02. Roots -- 3 Donations in Islam

This page in: -- Arabic? -- Chinese -- English -- French -- German? -- Indonesia? -- KIRUNDI -- Ukrainian

Previous booklet -- Next booklet

02. Imizi ya Shari’a muri Korowani

3 - GUTANGIRA ALLAH BISIGA UBWENGE

Ninde yamye atanga uburyo bwo kuvyura Islamu kuva igihe yahagurukiye muri 1973?

Twihweje imirongo itari mike yo muri Korowani isaba gutanga igice c’amafaranga yabo kuri Muhamedi no Kuri Islamu. Ni angahe aba Islamu bategerezwa gutanga mbega ayatanzwe yoyo akoreshwa gute ? Uwu ni umugambi unyegeje wo gutanga uburyo Islamu yagiye ikoresha mukwinagura kuva 1973.



3.01 -- GUTANGIRA ALLAH BISIGA UBWENGE

Ninde yamye atanga uburyo bwo kuvyura Islamu kuva igihe yahagurukiye muri 1973?

Buri gihugu cose kiratoza amakori n’amatagisi kandi buri dini ryose rirasaba gutanga. Muhamedi yari umudandaza adasanzwe. Kuva agitanguza idini ryiwe yagumye ashimikira cane kumakori, ingabire hamwe n’ibikoresho "vya Allah” ! Muri Korowani harimwo imirongo 85 ivuga kuri iki kintu. Abanayamategeko bo muri ya mashure uko ari ane niyo bakoresheje kugira bashobore gutegura amategeko yabo. Baciye berekana uko buri mu Islamu yotanga n’uwo yoha ivyo atanze.

Muhamedi wewe yarengeje urugero muguhamagarira abantu gutanga amakori hamwe n’impano, aca anababwira ko ingabire n’amahera batanga yeza imitima yabo (Sura al-Tawba 9 :102). Ntiyatinye kwita idini ryiwe ko ari "urudandaza rwa Allah" (Sura Fatir 35 :29-30). Umuntu wese agomba gutahura Islamu, ategerezwa kwiga amategeko ya Korowani na cane cane kubijanye n’ivyo ategerezwa kuriha. Yategerezwa guca agereranya izo ngingo hamwe n’ingongo ngederwako z’Ubutumwa Bwiza.

Mu mirongo yiwe yambere mu mwanya wiwe yamaze i Maka, Muhamedi yishuye abamunegura bamwe mubahawe igitabu n’abatizera bandi akoresheje Korowani: Kandi bategetswe kutagira undi bagaragira uretse Allah kandi Ari We wenyine baramya, no kwemera idini ryiWe no kwitondera amasengesho yemewe n’amategeko banatange zaka. Iryo niryo Dini ryemejwe na Allah ! (Sura al-Bayyina 98 :5).

Mugihe igikorwa ciwe c’idini yari akigejeje hagati, imbere yuko ahungira i Medina mu mwaka wa 622 NY, yanditse yihweje imyaka cumi yari amaze akora igikorwa: Mu by’ukuri abasoma igitabo cya Allah (baba bacyisomera ubwabo cyangwa bagisomerwa n’abandi, baba basubiramo amagambo yacyo bafashe mu mutwe cyangwa baba bagisoma mu nyuguti), ariko byose babisoma mu buryo bwiza, kandi bagakora swala ubuhozaho, bakanatanga zaka ku ibyo twabahaye, baba babikoze mu ibanga cyangwe kumugaragaro, abo nibo baba bafite ibyiringiro byo (kuzungukira) mu bucuruzi butazahomba. 30 Kugira ngo Allah azabagororere ibihembo byabo kandi byuzuye, ndetse akanabongerera abikuye mu buntu bwe. Mu by’ukuri Allah ni Ghafurun (Uhebuje muguhanagura ibyaha), Shakurun (Ushimira abantu ibyiza bakoze akanabatuburira ibihembo by’ishimwe. (Sura Fatir 35:29-30).

Mu bihe vyiwe vyanyuma "mumpera z’ubuzima bwiwe" i Medina, Muhamedi yaciye yerekana uko abona ukwizera mw’ido n’ido: Ntabwo ubutungana ari ukwerekeza mu maso hanyu ahagana i Burengerazuba cyangwa i Burasirazuba (igihe muba mukora swala) gusa, ahubwo ubutungane (nyabwo) ni ubw’abemera Allah, ubuzima bwo hanyuma y’ubu (imperuka), abamalayika, igitabo n’abahanuzi; n’utanga ku mutungo (we) n’ubwo (aba) awukunze, aha abo bafitanye isano, imfubyi, abakene, abagenzi (bagiriye) ingorane ku rugendo), n’abasabiriza, akanawukoresha) abohoza abacakara; akanakora swala ubuhozaho, agatanga zaka; n’abasohoza amasezerano yabo iyo hariho uwo bayakoranye, n’abihangana mu bukene, mu burwayi, n’igihe urugamba rwakomrye. Abo nibo (bayisilamu) (Sura al-Baqara 2 :177).

Umuntu wese agereranije iyi mirongo uko ari ibiri aca abona inkingi zitanu z’ukwizera kw’aba Islamu navyo bikaba ari amasengesho ategekanijwe, gutanga ingabire zitandukanye, atamakori y’amadini arimwo (zakat), atagutanga uko uvyiyumvisemwo (sadaqa) atabindi ukoresheje kubwa Allah (nafaqa), ibi vyoba arivyo bikorwa bitandukanye vya Islamu. Naho biri uko, igiciro c’akagunguru k’igitoro kamye kaduga kuva mu mwaka w’ 1973, ibitoro ibihugu vy’aba Islamu bimba vyatumye biba ibihugu bitunze, baca bavyura Islamu ku migabane yose bakoresheje gutangisha abantu kunguvu !

3.02 -- Insiguro ya Korowani ku makori no kungabire

Allah yaremye ijuru n’isi. Kubera ivyo, ibintu vyose biri kwisi ni ivyiwe. Niwe agaba ibiriho vyose (Suras Al 'Imran 3 : 129,189; al-Nisa' 4 : 126,131-132 ; al-Ma'ida 5 :18 ; al-An'am 6 :12 ; al-Fath 48 :14 ; al-Munafiqun 63 :7 ; al-Ma'arij 70 :40 n’iyindi mirongo) ! Allah ntaho yimirwa niwe agaba ubuseruko, uburengero n’ibiri hagati yavyo vyose (Suras al-Baqara 2 :115+142 ; al-Shu'ara' 26 :28-32 ; al-Saffat 37 :5 ; al-Ma'arij 70 :40 ; al-Muzammil 73 :9 n’iyindi mirongo). Johann Wolfgang Goethe yemeranije n’iki ciyumviro aca yandika ngo :

Imana niyo nyen’ubuseruko, nyen’uburengero,
ubumanuko n’uburaruko biri mu biganza vyayo.

Uyu munyabicuba hari ivyo atatahuye, ko uko aba Islamu batahura Imana bitumvikana, mbere atan’ubuntu burimwo. Muhamedi, igihe yerekana ubuseruko n’uburengero yavuga ko ikirere kiri hagati corongorwa na Islamu. Kubwa Islamu, Allah niwe mwene ubuseruko n’uburengero. Imigabane yose iri hagati itegekwa kwishikana kuri Islamu (Suras al-Baqara 2:193; al-Anfal 8:39; al-Fath 48:28; al-Saff 61:9; Mubandi).

Inyuma y’iremwa, Allah yategekeranije buri caremwe cose buri kantu kose mw’ido n’ido (Suras al-Furqan 25 :2 ; al-Qamar 54 :49 ; al-Talaq 65 :3 n’iyindi mirongo). Agenzura ibintu vyose (Suras Al 'Imran 3 :108-109,127-129,189; al-Nisa' 4 :126 n’iyindi mirongo). Korowani ivuga ngo : Babandi iyo bagezweho n’ibyago bavuga bati : Mu yb’ukuri turi aba Allah kandi iwe niho dusubira (Sura al-Baqara 2 :156).

Abamarayika bose mbere na Kristo ni abaja biwe (Suras Maryam 19 :30 ; al-Zukhruf 43 :19). Inzahabu zose n’amafeza vyose ni ivyiwe. Niwe wenyene atunze (Sura al-Nisa' 4 :132). Ibintu vyose dutunze ni ivyo twaguranywe na Allah. Azocira urubanza buri muntu wese, araba ko azoba yararishe amakori yiwe y’idini kandi uko bikwiye, kandi ko yanatanze ingabire zikwiye (Suras al-Baqara 2 :284 ; al-Nisa' 4 :86 ; al-An'am 6 :62 n’iyindi mirongo). Ibi ni ugusubiza muvyo asanzwe atunze. Nta kugabitanya canke akarenganyo bizosigara bidahanywe (Sura Fussilat 41 :7).

Muri izi ngingo ngenderwako Muhamedi yahinduye aba Islamu bose, abaja n’abarimira Allah. Kubera ivyo, ugutanga amakori bica biba ngombwa kuri buri mu Islamu. Gutanga bivuye kumutima navyo biba vyitezwe kuri bo (Sura al-Tawba 9:60). Allah yagumije uburenganzira ku kintu cose ciza yabikije buri muntu wese (Suras al-An'am 6:141; al-Isra' 17:26; al-Dhariyat 51:19; al-Hashr 59:7; al-Ma'arij 70:24-25 n’iyindi mirongo).

Kubera izi ngingo zo gutanga uburyo, Muhamedi aba ashizeho umushinge w’umuryango wiwe w’ikibano (Umma). Aca abashiriraho ukurema no gufasha ba ntahonikora mu bwoko bwiwe. Yifashishije “aya mayerekwa" nk’itegeko, vyaciye bimworohera ko akwiragiza Islamu. Kuva ico gihe, Allah na Muhamedi, n’abakene bo mu muryango wiwe n’abaja b’aba Islamu, hamwe n’abarwanyi biwe bo muntambara nyeranda baca bagira uburenganzira kubutunzi bw’umuryango wose w’aba Islamu. Ibi baciye babicisha mu mategeko ajanye no gutanga ikori ry’idini nk’uko tuza kubiraba uko icirwa kibandanya. (Suras al-Baqara 2:83,177,180,215; al-Anfal 8:41; al-Tawba 9:60; al-Nur 24:26; al-Insan 76:8; al-Balad 90:16 n’iyindi mirongo).

3.03 -- Ninde asabwa kuriha?

Allah yabigize ngombwa kuri buri mu Islamu wese, ngo bibe ngombwa mugutunganya ivy’ubutunzi bwabo, bwavuzwe muri Korowani no mw’itegeko Shari'a (Sura al-Baqara 2: 254,264,267,271,277 n’iyindi mirongo). Umuntu wese anyuranije na Muhamedi akagomba ko yemerwa n’idini rya Islamu ategerezwa kuvyerekana mugutanga. Allah azoca yemera ukwihana kwiwe, hamwe ivyo yotanga vyoba bibereye.

Mbere n’abigira aba Islamu hamwe n’indyarya baca bakiranwa umunezero akanya kose barishe! Baca bitega ugucungurwa na Allah ku vyaha vyabo, igihe ivyo batanze vyari vyinshi bikwiriye (Sura al-Tawba 9:103).

Umwansi atsinzwe azoba umugenzi, igihe asenze akariha (Sura al-Tawba 9:5,11).

Umuntu wese atinya urubanza rwa Allah, aca arengera ubwoba bwiwe mugutanga izo ngabire (Suras al-Mu'minun 23:60; al-Rum 30:38; al-Sajda 32:16). Umuntu wese agize umuhezagiro mumuryango wiwe canke murudandazwa rwiwe, aca atanga n’ibirengako kugira yerekane ishimwe ryiwe (Sura al-Tawba 9:75). Ariko umuntu wese atagira amahera, ntagerezwa kwumva ko ategekwa gutanga amahera (Sura al-Tawba 9:91).

Ab’Isirayeri nabo bari barasabwe gutangira Imana yabo (Suras al-Baqara 2:83; al-Ma'ida 5:12; al-Hajj 22:78 n’iyindi mirongo). Umuntu wese yibaza ko ari mw’isezerano na Allah ategerezwa kwerekana Ubuntu yagiriwe mu kuriha (Sura al-Tawba 9:75).

Muri Korowani nta hantu nahamwe dushobora gusoma ko abakristo canke abaja basambwa gutanga iryo kori, kuko haba i Maka canke i Medina baronka amafaranga gake boshobora gutanga. Babaharura muri rusangi mubakene ba ntahonikora mu kibano cabo. Ishengero ryari ryubashwe i Wadi Nadjran (Yemeni ya ruguru), naho biri uko bobo bategerezwa kuriha ikori ry’inkehwa (jizya) muri ico gihe. Ako kari nk’agasuzuguro n’agacinyizo (Sura al-Tawba 9:28-29).

3.04 -- Umu Islamu ategerezwa kuriha angahe, agatanga angahe?

Ibirenze kuvyo yungutse vyategerezwa guca bigabanganywa aba Islamu bakenye (Suras al-Baqara 2 : 2,219; al-Talaq 65 :7).

Icagatanu co kuvyo basahuye mu ntambara nyeranda biba ari ivya Allah n’intumwa yiwe, canke uwo agomvye ko babiha wese. Itegeko rya “mirongo ibiri kw’ijana (20%) y’ayo yungutse" mubihugu bimwe bimwe baranashiramwo n’ivyimburwa, mbere bakanashiramwo n’ivyo barovye mu mazi nk’amafi (Sura al-An'am 6:141-144). Mbere n’icagatanu c’abaja banyaze mu ntambara, categerezwa kujanwa bigahabwa aba Caliph buri mwaka.

Iri ni itegeko ry’ "ijuru" muri Sura al-Anfal 8:41 kuko ari umwe mu mirongo ngirakamaro yo muri Korowani. Bigaca bikora ubuzi butari buke bwa Islamu. Icagatanu c’amafaranga yose ava mu bitoro, muburovyi, nivyo vyahaye uburyo Islamu bituma inaguka. Ingaruka rero y’aya makori ntabanduka hamwe n’ingabire imisigiti igaca ikwiragizwa hose mu migabane uko ingana.

Muhamedi yashaka kwitandukanya n’abayuda bo mw’Isezerano rya Kera, aca ahakana icacumi c’ivyinjira, nk’uko vyasabwa n’amategeko ya Mose, ariko wewe aca asaba 20% icagatanu kuvyo aba Islamu bose bungutse! Kandi akaguma yiteze ko n’abandi baguma batanga ingabire zitandukanye (Sura al-An'am 6:141-144).

Muri Sudani, abakozi bamwe bamwe bakora mubuzi bw’uburongozi bw’imisigiti ntibarindira ko icagatanu c’ingano canke isukari kibazanirwa. Ahubwo, baca bagenda n’ibiduga binini binini mundimiro bagasaba ko bahabwa umugabane wabo mbere bakanakoresha inguvu iyo bikenewe mbere rimwe na rimwe n’abakristo nabo bakabibaka (Sura al-An'am 6 :141)!

Muhamedi, naho biri uko, yabikoze kubera intumbero yateguwe neza : Nta muntu n’umwe ategerezwa gutanga ibirenga ivyo Allah yamuhaye (Sura al-Talaq 65 :7).

Ariko abagaburira aboro barengeje kumakori y’idini baba bamaze gutanga, bazoca bubahwa na Allah (Suras al-An'am 6 :141-144 ; al-Insan 76 :8-9 ; al-Balad 90 :14-16). Iyo umugeni yanse kwakira igice c’inkwano yo kurubanza rwiwe iyo ngabire ica ifatwa nk’iyihawe Allah. Ibi bikaba binakora no kubakenyezi bahukanye, igihe yiteguye kugabanya ivyo yari afitiye uburenganzira vyari vyarasigaye ku nkwano (Sura al-Nisa' 4 :4).

3.05 -- Kuki kandi ni gute babiriha?

Aba Islamu bagomba kunezereza Allah bahereye kungabire zabo hamwe no kumakori yabo (Sura al-Baqara 2 :265). Biciye mugutanga kwabo, bizera kwiyegereza Imana yabo, hamwe no kuyinezereza (Suras al-Baqara 2:272; al-Rum 30:39; al-Insan 76:9). Umuntu wese atanga, ategerezwa kwirimbura ubwiwe, kugira ntashobore kuzana ikintu gifise agaciro gato ugereranije n’umwimbu wiwe canke ivyatunze igihe ariko arashikanira Allah, ngo ace yigumiriza vyiza kandi vyumvikana. Allah arazi urugero n’ibibereye ku ngabire zose (Sura al-Baqara 2:267,270).

Mu majambo atomoye, Muhamedi yasavye aba Islamu bose gukora igikorwa co gutanga :

Tanga ingabire, imbere y’uko urupfu rubashikira. Atari uko igihe kizoba camaze kurenga. Allah nta mwanya abongera (Sura al-Munafiqun 63:10-11).

Tanga ubutunzi bwanyu kubwa Allah, kuko izoba ari imbuto, izana amapfundo indwi buri pfundo rikagira intete zingana ijana (Sura al-Baqara 2:261+274).

Ntuvugire kumugaragaro ivyo utanze, kandi ntukure kw’agashambara uwubikwakiriye (Sura al-Baqara 2:262-264 and 271).

Tanga kubutunzi bwanyu ijoro n’umurango (Sura al-Baqara 2:274).

Mwibanga no kumugaragaro (Suras al-Baqara 2:271,274; al-Ra'd 13:22; Fatir 35:29).

Kumusi mwiza no kumusi mubi (Sura Al 'Imran 3:134).

Uyu muhamagaro wo gutanga usigura : Gutanga buri musi kandi ugatanga ibikwiye!

Ikirenze ivyo, Allah asaba buri muntu kwandika icete co kuraga, murico agashobora kugabanganya ibintu vyiwe kubanyamuryango biwe ba hafi no mubakenye muribo, wihweje amategeko ya Korowani. Nta muntu numwe yokwibagira, afise ubushobozi kuvyo atunze vyose (Sura al-Baqara 2 :180).

Ikindi Korowani yigisha : ntutagaguze ingabire zawe, ariko tanga n’ubwenge (Suras al-Baqara 2 :195 ; al-Furqan 25 :67).

Koresha amafaranga yawe, utaravye uko uyakunda, kandi uyahe abakene (Sura al-Baqara 2:177).

Igihe muba mwicaye mumuzingi w’aba Islamu babushitse, bagaca babatera intege zo gutanga uko mushoboye kwose. Ibi biganiro ni vyiza gusumba ibindi biganiro vy’ubwoko ubwaribwo bwose (Sura al-Nisa' 4 :114).

3.06 -- Ninde yakira izo ngabire?

Ubwa mbere na mbere ni Allah na Muhamedi nibo bari bahawe kwakira ico cagatanu co kumakori y’ibitanzwe vyose hamwe n’amasahu yose. Ikirengeye aho, Rugiravyose yahavuye yemera ingurane kuri abo bose bamuhimbaza (Suras al-Baqara 2 :245 ; al-Anfal 8 :41 n’iyindi mirongo).

Hanyuma, ntutangurire kubakene ariko utangurire kubanyamahanga, ja kubaryango bo hafi hamwe no kubakene bo muri uwo muryango w’umunyamahanga. Abavyeyi nibo batangura. Igihe uriko uragabanganya amasahu n’ingabire, hakurikira ababanyi hatanguye Allah na Muhamedi nkabavyakira. Bategerezwa kuronka imfashanyo kurusha abakene mbere n’abari mumuryango w’aba Islamu. Islamu ikorera mumiryango, kuko imiryango niyo ibafasha kubijanye no kubaho neza canke kuvy’amagara meza ya buri muntu. Ikirenze aho ni uko umuryango ariwo ufasha mundero y’abana hamwe no mugufasha abasaza. Umuryango ari ngombwa ukongera ukaba uwucunze ikibano c’aba Islamu. Ubushobozi busanzwe kuri buri mu Islamu butegerezwa kubanza gushimangirwa. Atari uko ubushobozi busanzwe bwa buri mu Islamu nibwo bumukingira (Suras al-Baqara 2 : 83,177,180,215; al-Nisa' 4:36; al-Anfal 8:41,75; al-Isra' 17:26; al-Nur 24:22; al-Rum 30:38).

Umugore yubatse ava muwundi muryango aca afatwa ko afatirwa n’amategeko y’umuryango w’umugabo wiwe. Ntibanganya ububasha n’uwo bubakanye, kandi ntibanafise uburenganzira bumwe. Afatwa nk’imashini yo gutanga abana kumugabo wiwe kugira akomeze uwo muryango w’umugabo wiwe. Ashobora kwahukana nawe igihe cose abigomvye. Abana baba ari abumugabo be n’umuryango akomokamwo. Umugabo ntabazwa abaryango b’amaraso b’umugore wiwe canke abana aba yaravyaye ahandi.

3.07 -- Gufasha abimukira

Hambavu y’icagatanu categekanirijwe Allah n’intumwa yiwe hamwe n’icagatanu gitegekanirizwa umuryango, mu gihe ca Muhamedi n’aba Islamu b’abimukira, na cane cane abahunze bava Maka, baca baba abakurikira mukwakira ingabire no gusangira kuvy’amakori y’idini. Iri tegeko ryafatwa ko ari nko kwikoreranira imitwaro mu muryango w’aba Islamu. (Suras al-Nur 24:22; al-Hashr 59:5 and 8-10).

I Medina, Muhamedi yagumye ahura n’ingorane ziguma ziyongera. Aba Islamu bahunze bava i Maka bari bamaze ivyo bari bahunganye mu kiringo gitoya. Ntakazi bashobora kuronka kandi ntanico baragwa kivuye kubisigi vy’imiryango yabo. Aba bari batanguye Islamu bari basize amazu yabo, ubutunzi, ababanyi kubwa Allah. I Medina, baca batangura guhura n’ibibazo vy’ubukene. Bagaca barabana ishari ababakiriye, aba Islamu b’i Medina, baguma batunga bongera batunga. Inzigo y’akazikira ica iravyuka: Kwinjira muri Islamu ntivyatuzaniye ubutunzi! Ukwitanga kuri Allah ntavyamwa bakubonamwo! Inyishu ryaciye riba ishavu, ubukene n’imyidogo. Benshi muribo baragerageje gushigira iciyumviro co gusubira kuri babasenga ibigirwamana b’i Maka kugira bace basubirana ubutunzi bwabo no mu matongo yabo bari barataye. Uruhagarara hagati y’aba Islamu b’abasangwa n’impunzi ruca ruraduka (Suras al-Anfal 8:72; al-Tawba 9:117; al-Hashr 59:8-10).

Kubw’ivyo, Muhammedi yaguma asubiramwo kenshi asaba ko boha icubahiro abimukira mw’izina rya Allah, mukubaha ivyo bakeneye no kubemera nk’abavukanyi bafise uburenganzira bungana " mu kintu cose no mukivukano". Ikirengeye vyose, Muhamedi asezeranira abizigirwa hamwe n’abihangana bavuye Maka ko bazoharirwa ivyaha vyabo, bakagira ikibanza kidasanzwe muri Paradizo, amatongo manini azoba ariyo mpera yabo y’ibihe bitazoshira (Suras al-Baqara 2:118; Al 'Imran 3:195; al-Anfal 8:74; al-Tawba 9:20; al-Nahl 16:41 n’iyndi Mirongo).

Ingorane impunzi zavuye i Maka zari zifise zaguma ziyongera, Muhamedi abona nta yindinzira atari ugutera ibidandazwa vyaca hafi yaho bivuye Maka kugira ashobore gutorera umuti iyo ngorane yari yihuta cane yari yadutse mubamukurikira ngo bace baronka amasahu hamwe n’iminyago. Aca yongera aryamira ibisagara vy’abayuda baba i Medina aca agandagura abo bayuda arabasahura ngo arabe ko izo mpunzi zavuye Maka zobomboka.

Munyuma y’abo bari bahawe akaryo ko kuronka imfashanyo, Korowani iranavuga abantu bakenye bo mu muryango w’aba Islamu, abo vyaboneka ko aribo baciye bashirwa imbere.

3.08 -- Gufasha impfuvyi

Igitigiri c’impfuvyi caguma ciyongera cane, kuko abavyeyi benshi baguma bapfira kurugamba, Muhamedi yaserukira Allah, yaca azezwa abo basigwa hamwe n’imiryango yabo (Suras al-Baqara 2: 83,177,215; al-Nisa' 4:36; al-Anfal 8:41; al-Insan 76:8; al-Balad 90:15).

3.09 -- Gufasha ba ntahonikora

Ukubura akazi, impano nke, abakomerekeye mu ntambara barigaragaza mu mabarabara y’i Medina. Babona ko Muhamedi ariwe vyizigiro vyabo (Suras al-Baqara 2:5,83,177,215; al-Nisa' 4:36; al-Anfal 8:41; al-Tawba 9:60; al-Isra' 17:26; al-Nur 24:22; al-Rum 30:38: al-Insan 76:8; al-Balad 90:16). Muri abo harimwo abasezi, abanenwa, ba ntahonikora, abarekuwe mu mabohero batagira ikintu na kimwe, hamwe n’abatagira amatongo, amazu, batagira ingamiya ata n’impene bafise. (Suras al-Baqara 2:17,177,273; al-Tawba 9:60; al-Rum 30:38; al-Dhariyat 51:19). Iyo yari ingorane kuri abo ba Islamu ugasanga banafitiye amadeni abayuda bigatuma bababona ko ari nk’abavumwe, iyo batabarishe amadeni babafitiye mugihe bavuganye. Muhamedi aca ategeka ko bohisha ayo madeni y’abanyamahanga mubamukurikiye (Sura al-Tawba 9:60).

3.10 -- Kurekura aba Islamu b’abaja

Iyindi ngorane yabaye kwari ukurekura abaja bari bamaze kwemera idini ry’aba Islamu na cane cane abafiswe n’abatari aba Islamu nka ba shebuja babo baca babakeka ko ari abareretsi barerekeye Muhamedi igihe kimwe baca barabahohotera. Aba Islamu bafatira muntambara nyeranda baca barekurwa barishe impfizi y’intama. Muhamedi yavuga "kugura umwidegemvyo w’umu Islamu w’umuja" igikorwa cari cemewe canatuma ivyaha vy’uwuyitanze bihongerwa imbere ya Allah (Suras al-Baqara 2:177; al-Tawba 9:60; al-Nur 24:33; al-Insan 76:8 muyindi mirongo).

3.11 -- Gutanga indaro

Igitangaje, muri abo bategerezwa kuronka imfashanyo, barasangamwo abashitsi b’aba Islamu (Suras al-Baqara 2: 177,215; al-Nisa' 4:36; al-Anfal 8:44; al-Tawba 9:60; al-Isra' 17:26). Gutanga indaro vyari bisanzwe ari umugenzo w’abarabu kuva kera. Umushitsi kenshi na kenshi bamuha agateka bakamwita "umwami" canke "imana yo munzu".

Uburyo butanzwe mukwakira umushitsi, baca bayagabanya ku makori y’idini wotanze. Ikirenzeko, kwakira abashitsi vyatanga inyongera kuvy’ijuru. Ibi kandi barabiraba igihe umushitsi amaze igihe kirekire. Ubwo buryo bakoresha ni ngirakamaro ku musi w’imperuka. Ubu buryo bwo guha agaciro ivyo bakoresheje kubashitsi, vyatumye ugutanga indaro kw’abarabu kugumana agaciro. Ibi vyakurikiranye n’ukubacanganya igihe umuntu aje kukuramutsa nawe ukamwishura haheze igihe.

3.12 -- Gushigikiza uburyo intambara nyeranda

Hambavu y’imfashanyo zivuye mumuryango, impunzi, impfuvyi, abakene, abaja b’aba Islamu n’ingenzi, muri Islamu ukuriha bitegerezwa kuba ikigwanishwa kandi bikanamufasha kuriha utwo aba akeneye. Kubera Muhamedi yarongoye ibitero n’intambara, ivyo basahuye nivyo vyaba bigize ubutunzi bw’aba Islamu. Baca bagira ivyizigiro ko bazoriha ivyo badafise bakoresheje amasahu bazoronka basubiye muntambara izokurikira. Naho biri uko, ubwambere, baca bagura ingamiya, ibirwanisho n’ibindi birwanishwa, vyaba bikenewe kuribo hamwe n’abaja babo. Kubera ivyo, Muhamedi yise abo ba Islamu ngo baje mu ntambara nyeranda bagaca batanga ubuzima bwabo n’amahera yabo. (Suras al-Baqara 2:195,261-262 and 273; al-Tawba 9:60; al-Nur 24:22, n’iyindi miryango). Aba Islamu b’abatunzi baterwa intege ngo bafashe muvy’ubutunzi abo bavukana mu kwizera, kugira baronke ibigwanisho vyo muntambara (Sura al-Baqara 2:273). Basabwa kandi ko batanga amahera kuri abo badashobora kuzoriha ingurane zabo (Suras al-Baqara 2:280; al-Hashr 59:9).

3.13 -- Kugura abagenzi ukoresheje amahera

Abansi batsinzwe baca babatera bakabasaba ingabire zitari zike (Sura al-Tawba 9:60). Ibi vyitwa mumigenzo y’abarabu "kubaca ururimi". Amaze kuronka izo ngabire uwuyakiriye kirazira ko adasuzugura uwo muntu amuhaye iyo ngabire.

Irindi jambo bakoresheje muri korowani " gufuka umutima" kugira aba Islamu babimenyere biciye mumafaranga canke mungabire. Ibi vyaciriye inzira aba Islamu mumigabane itandukanye mu "kugura" abakuru b’ibihugu, intwazangabo, ibisongerezi mugiporisi n’abashikiranganji, ariko abakene n’abanyeshure, bagaca babaha amashure. Abantu bagwanira agateka ka zina muntu bavuga ko ibi atari vyiza, ariko uyu musi bikaba bikorwa kumugaragaro muri Aziya no muri Afrika. Ubimenyereye uca ubona ko iri tegeko rya Allah rikoreshwa incuro ibihumbi n’ibihumbi.

Abarongozi b’aba Islamu, batunze amamiriyaridi n’amamiriyaridi hamwe n’aba Islamu bafise uburyo bubayabaye ntibirirwa barariha intererano yo mukibano, ibiciro vy’ibigwanishwa canke ibibatunga, ariko bashobora gukuramwo ivyo baciriwe na Allah, amakori y’idini, canke bakabibaharurako nk’ingabire bahaye Allah. Ntitwategerezwa kwikeka ko aba Islamu babikora kubera urukundo. Biyumvira muburyo bwo gukora urudandazwa! Muhamedi yari umudandaza, yabanza kuyaharurira mu mufuko imbere yo kuyakoresha. Yita idini ryiwe ko ari imitwe ya Allah. Umuntu yiyumvira gutahura Islamu uko imeze ategerezwa guhindura uburyo yiyumvira! Mu mico y’iryo dini nta buntu bwa gusa bubaho. Ikintu conyene gifise ico kimaze ni ibikorwa bijanye n’amategeko ya Islamu, ayo Allah uwuharura ningoga vyose azoharura agaca avyandika akanabitangira impera.

3.14 -- Kugurana muri Banki ya Allah

I Medina, Muhamedi yakunda kubaza aba Islamu, Abayuda hamwe n’abakristo ko boha Allah ingurane (Suras al-Ma'ida 5:12; al-Hadid 57:10-11 and 18; al-Taghabun 64:16-17; al-Muzammil 73:20 n’iyindi mirongo). Abayuda baca bamusubiza bamubaza ikibazo c’agakekezo bati: "Mbega Allah arakenye? Arasaba ingurane ibiremwa vyiwe? Mubisanzwe, umuremyi ahezagira abo bose bamusavye ko yobafasha. Aranahezagira mbere n’abatabimusavye. None Korowani yosaba gute abanyavyaha n’abagororotsi, Abayuda hamwe n’aba Islamu ngo bagurane Allah?" Iki cigwa kirakomeye, kugera aho numva umengo tworaba ivyanditswe vyahinduwe neza na neza uko biri.

Mu gice Sura al-Ma'ida, dusoma ko Allah yagiriraniye amasezerano n’abana ba Isirayeri aca atoranyamwo abarikurikirana icumi na babiri. Allah arababwira: Allah yakoranye isezerano n’abana ba Isiraheri (Abayahudi). Tubahitamo abatware cumi na babiri (bo gutegeka imiryango yabo cumi n’ibiri). Allah aravuga ati: Mu by’ukuri Njye ndikumwe namwe, niba muzakora swala ubuhozaho, mugatanga zaka, munemere intumwa zanjye (zose), munazishygikire, mukanaguriza Allah inguzanyo nziza (mutanga ku mitungo yanyu mu nzira ya Allah, mukanafasha abakene). Rwose nzabahanaguraho ibyaha byanyu, nzanabinjiza muri Jana zitembamo imigezi. Nyuma y’ibyo muri mwebwe uzahakana, azaba ayobye avuye munzira igororotse. Sura al-Ma'ida 5:12).

Uravye uko Korowani ibitegeka ni ngombwa ko batanga ingurane nini, igaca ihabwa Muhamedi kuko ariwe yaserukira Allah.

Ingaruka yavyo, Umwami azokuraho ivyaha vy’abana ba Isirayeri! Iri tegeko ntiriserukira abagororotsi bihishije mubikorwa vyabo, ariko Ryerekana Islamu uko imeze kandi ko Allah yitondeye ibiharuro akorana nabo!

Muhamedi yatebura kubasenyeri b’abakristo n’abagaragwa baba mumasenga:
Yemwe abemeye mwe! Mu by’ukuri abenshi mu Barabayi n’Abamonke [abamenyi mu by’idini b’Abayahudi n’abihayimana b’abakristo] barya imitungo y’abantu bakoresheje amahugu, bakabuza abantu inzira ya Allah. Abakusanya ibirundo bya zahabu n’iby’ifeza ariko ntibabikoreshe mu inzira ya Allah, [yewe ntumwa y’Imana we]! Bihanangirize unababurire ubatangarize iby’ibihano bibabaza [bazahabwa] 35 Umusi [imitungo yabo, zahabu, feza n’ibindi bitigeze bitangirwa Khums na zaka] bizatwikirwa mu muriro wa Jahanamu, byomekwe kuduhanga twabo, ku mbavu zabo no ku migongo yabo, [Maze malayika ababwire ati]: ‘‘Iyi niyo [mitungo] mwari mwarihunikiye ubwanyu, nuko rero nimusogongereho [igihano gitewe] n’ibi mwari mwarihunikiye. (Sura al-Tawba 9:34-35)!

Muhamedi yagomba kwiyegeraniriza ubutunzi bw’amashengero n’ibitandara akanayakoresha mugukwiragiza Islamu.

Mugice Sura al-Tawba dusoma, muri Islamu abanyavyaha bashobora kuronka guta ukubabarirwa ivyaha vyabo mugutanga ingabire. Ibi bitwibutsa ivyababaje Martin Luther aho yari mw’isenga ry’i Tetzel, aho yigishije avuga: "igihe ikingorongoro gikorokeye mw’isandugu ry’amashikanwa, ubugingo buba busimbiye hanze y’umuriro." – Muri ubwo buryo nyene Muhamedi yavuze ati: Hari n’abandi bemeye ibyaha byabo, (bemerako bavanze ibikorwa byiza n’ibibi). Allah azemera ukwihana kwabo, kandi Allah ni Ghafurun (Uhebuje mu guhanagura ibyaha), Rahiimun (Nyirubuntu bwose). 103 Akira sadaka baguha bayikuye mumitungo yabo, ndetse unabasabire, mu by’ukuri ubusabe ubasabiye buratuma bagubwa neza. Allah ni Samii’un (Uwumva byose), ‘Aliimun (Umumenyi uzi neza buri kintu) (Sura al-Tawba 9:102-103).

Ukwihana muri Islamu bisigura kwemerwa na Islamu, ivyo navyo bikaba bikorwa n’ingabire zitandukanye. Wihweje ukwizera kw’aba Islamu, amakori y’idini yoza ubugingo ivyaha vyabo. Ikindi kirenzeko, n’uko Allah yama yiteze kwakira ukwihana kw’abamukurikira vyerekanwa no kuriha ingabire zabo.

Muhamedi yanditse, igihe uwutizera apfuye akaba agomba gutanga agakono k’inzahabu kangana n’isi kugira acungurwe ivyaha vyiwe, ntibizokwakirwa. Kuki? Yibaza ko yoba yararishe amahera kuri Muhamedi imbere y’uko apfa! Mu by’ukuri, abahakanye bakanapfa ari abahakanyi, nubwo byaba ari zahabu yuzuye isi yatangwa n’umwe muri bo ngo imubere incungu, ntizemerwa. Abo bazahabwa ibihano bibabaza, kandi nta mutabazi n’ubafasha bafite. 92 Ntimuzabasha kugera ku rwego rw’abakora ibyiza, keretse nimutanga ibyo mukunda. Na buri kintu cyose mutanze, mu by’ukuri Allah aba akizi neza! (Sura Al 'Imran 3:91-92).

Muri iki gihe, Muhamedi yagomba kwegeranya amafaranga mbere n’ay’abizera b’aba Islamu b’abatunzi. Kuko intumbero yiwe, yaciye apfukura ugukunda amahera kwabo. Yashaka no kwegeranya ubutunzi bw’aba Islamu bose, kugira yigurire ingamiya, indogoba hamwe n’ibigwanishwa. Intumbero yiwe kwari ugushikana Islamu kuntsinzi no kwironkera ayandi masahu.

3.15 -- Umutekano wa Banki yo mw’Ijuru

Muhamedi yemereye abamukurikira ko Allah azobasubiza ivyo bamuhaye vyose kw’ingabire: Ivyo utanga vyose muvyo utunze bizoba ari ivyo kuneza yawe. Ntanakimwe mutanga atari ukurondera Allah. (Yewe Ntumwa y’imana we!) Si inshingano yawe gutuma bayoboka (Bakinjira bakemera kwinjira mu Islamu), ahubwo Allah ni We Uyobora uwo ashatse. Buri ikintu cyose mutanze ku bukungu bwanyu muba mubikoreye gushaka kwishimirwa na Allah. Kandi n’ibyo mutanze ku bukungu bwanyu muzabigororerwa nyabyo, kandi ntimuzarenganywa. (Sura al-Baqara 2:272).

Muhamedi yemeje ko ingabire n’ibidadazwa vyose batanze bazobisubizwa: Yewe ntumwa y’imana we! Babwire uti Allah ni Umugenga wanjye Uha uwo ashatse wese mu bagaragu Be indonke, kandi akazimuha mu bwinshi, ni na We (ufata undi mugaragu we, yajya kumuha indonke) akazimugerera ari nke. Kandi buri kintu cyose mutanze (mu ibyo yabahaye), ni We uhebuje abandi bose batanga indonke, kuzitanga. (Sura Saba' 34:39)!

Ibihe vyinshi, dusoma muri Korowani ko Allah atamuntu yemeza ko azomuha ingabire ariko arazegeranya zose akazobibasubiza mukubaha Paradizo bibe nk’indishi yo mubukukuruke (Suras al-Baqara 2: 262,274,277; al-Nisa' 4:114; al-Hadid 57:7,18; al-Muzammil 73:20; al-Tin 95:6 niyindi mirongo).

Kuri abo bose batanga ivyabo ijoro n’umurango haba mukinyegero canke kumugaragaro abo bazohabwa impera zabo n’umwami wabo. Ntibagire ubwoba (ku musi w’urubanza) kandi ntibize bibababaze (Sura al-Baqara 2:274). Nimwemere Allah n’intumwa ye (Muhamedi), kandi mujye mutanga ku ibyo yabahaye kuzungura. Abemeye muri mwe bakanatanga, bazagororerwa bikomeye cyane. (Sura al-Hadid 57:7).

Mu gice Sura al-Baqara dusoma ko Allah yanka inyungu kandi ko azosambura abanyamitahe basaba inyungu. Muri ubwo buryo nyene Allah niwe atanga inyungu wenyene kuko niwe yibikiye ubwo buryo bwo kwunguka.

Allah azokuraho inyungu (kubayasaba), ariko we (kuruhande gwiwe) azoshira inyungu kungabire bamuha banezerewe! Allah ntakunda abanyavyaha batizera (basaba inyungu) (Sura al-Baqara 2:276)!

Ikirenzeko, dusoma muri Korowani ko ingabire ziryohera Allah, ntazokwongerako inyungu, ariko azogwiza na kabiri. Urugero rw’abatanga imitungo yabo bashaka kwishimirwa na Allah no gukomera kw’imitima yabo; ni nk’umurima uri ahirengeye ku musozi, imvura yagwa ari nyinshi, ugatanga umusaruro w’ibihingwa wikubye inshuro ebyiri. N’iyo ntamvura iwuguyemwo, imvura nke (iba ihagije). Kandi Allah ni Bassirun (Ubona neza buri kuntu). (Sura al-Baqara 2:265).

3.16 -- Kugwiza ingurane

Akarusho kari muri Banki ya Allah n’uko mw’ijuru atazotanga incuro zibiri gusa ivyo yaguranywe ariko bikazogwizwa incuro zitari nke (Suras al-Baqara 2:245; al-Ma'ida 5:12; al-Rum 30:39; al-Hadid 57:10-11 and 18; al-Muzammil 73:20 niyindi mirongo). Ninde wagenera Allah umugabane mwiza (atanga ku umutungo we afasha abakene akanawukoresha mu bindi bintu byiza), kugira ngo (Allah ajya kumugororera) azamukubire inshuro nyinshi. Allah niwe wima (uwo ashaka) akanaha (uwo ashaka). Kandi Iwe niho (mwese) muzagarugwa (Sura al-Baqara 2:245). Na buri icyo mutanze muri Riba kugira ngo ciyongere mu mitungo y’abantu, nticyiyongera imbere ya Allah. Nyamara ibyo mutanze ari zaka mushaka kwishimirwa na Allah, (ababikora batyo) abo nibo bazakubigwaho inshuro ebyiri. (Sura al-Rum 30:39). None se kuki mudashobora kugira icyo mufata ku ibyo mutunze ngo mubikoreshe mu gwego rwo guhesha Allah ikuzo n’icubahiro (cyangwa mukanitanga ubwanyu mukoresha imbaraga zanyu), kandi ibiri mu majuru n’isi ari ubutunzi bwa Allah? Ntibari ku rwego rumwe (bamwe) muri mwe bagire icyo batanga bakanakora mu rwego rwo guhesha Allah icyubahiro n’ikuzo mbere y’intsinzi (no gufatwa ha Maka, bakanakomeza) kugwana (nyuma y’iyo ntsinzi). Abo bafite urwego rurenze urw’abagize icyo batanga baranakora mu rwego rwo guhesha Allah icyubahiro n’ikuzo, nyuma bakanagwana. Ariko bose Allah yabasezeranije ibyiza. Kandi Allah ni Khabirun (Umenya amakuru yose) arebana n’ibyo mukora byose. Ninde witeguye guha Allah inguzanyo irusha izindi zose kuba nziza ariyo (zaka, khumusu, sadaka, anashora umutungo we mu bikorwa by’ubugira neza), ngo azayimwishure amutuburiye? Kandi azabona ibihembo bihebuje! (Sura al-Hadid 57:10-11). Mu by’ukuri abatanga sadaka b’abagabo n’abatanga sadaka b’abagore bakanaguriza Allah inguzanyo irusha izindi kuba nziza, bazatuburirwa bagororerwe ibyiza byikubye kenshi (ibyo batanze hano ku isi), bazanahabwa ibihembo byiza (ku Impera) (Sura al-Hadid 57:18).

Muhamedi ntiyigeze aruha guhimiriza uburyo. Muri Islamu nta Mpwemu Yera abaho kugira abe ariwe asuguma aba Islamu. Kubera ivyo, ingabire, ingurane hamwe n’amasenzerano yo kubaha ibintu muri Paradizo bitegerezwa gukora ico vyagenewe:
Nuko rero mujye mutinya Allah (mumuha icyubahiro kimukwiriye kandi mwirinda gukora ibyaha) muburyo bwose mushoboye kubikora (kugezaho ubushobozi n’imbaraga zanyu zigarukira), kandi mutege amatwi, munumvire (mukora ibyo Allah abategeka mukareka gukora ibyo ababuza), kandi munatange (imitungo yanyu mu bikorwa by’ubugiraneza mu rwego rwo kubaha Allah) 17. Nimuguriza Allah inguzanyo nziza (mugira icyo mukora cyangwa mutanga mu nzira ye mufasha nk’abakene, cyangwa mukora ikindi kintu gihesha izina rye icyubahiro), (azabishyura) abakubiye inshyuro nyinshi (ibyo mwatanze cyangwa mwakoze), anabahanagureho ibyaha. Kandi Allah ni We Shakurun (Ushimira abantu ibyiza bakoze akanabakubira ibihembo by’ishimwe), Haliimun (Uhebuje kwihanganira kudahana abo yakagombye guhana) (Sura al-Taghabun 64:16-17).

Imbere y’amasengesho yo mw’ijoro Muhamedi yama yibutsa aba Islamu ko amasengesho yonyene adakwiye, ko mbere no mwijoro bategerezwa gutanga ingabire:
Mu gihe cy’amasengesho ya n’ijoro, musubiremo (mu Korowani), ibiboroheye. Mukore amasengesho asabwa. Mutange zaka munahe Allah inguzanyo nziza! Ibyo nibyo murungika mu bintu byiza ubwanyu mukabishira imbere, Allah akazabibahembera ibihembo bihebuje. Kandi mujye musaba Allah imbabazi! Mu by’ukuri, Allah ni Uwuharira kandi ni umunyembabazi (Sura al-Muzammil 73:20c).

Imisi ibiri mikuru (‘Id al-Fitr na 'Id al-Adha), canke mugihe co kwisonzesha, Ramadan, ni igihe baba biteze ingabire nyinshi. Ijoro ryo gufata kw’ingingo (Lailat al-Qadr) aca yitwa ngo ni ijoro ryahezagiwe gusumba ayandi (Sura al-Qadr 97:3-5).

Muri Sura al-Baqara 2:261 Muhamedi yahaye igitsibo c’amasezerano abamukurikiye agikuye muri banki yo mw’ijuru kubijanye no gutanga ingurane: Urugero rw’abatanga imitungo yabo mu inzira ya Allah, ni nk’urugero rw’impeke imwe yeza imisorwe irindwi kuri buri musorwe harimo impeke ijana. Allah atuburira uwo ashaka wese, kandi Allah ni Wasi’un (Nyiringabire n’ubuntu byagutse cyane kuburyo aha abamusaba n’abatamusaba), Aliimun (Umumenyi uzi neza buri kintu) (Sura al-Baqara. 2:261).

Mu misi ya Farawo haramera ingano ugasanga zizana imiyange indwi. Baca bafata ingano basanze mumva kwa Farawo bagaca bazitera mw’ivu ryiza, ibi bikaba arivyo bivugwa muri iyi Sura. Bishoboka no mugihe ca Muhamedi bakoresha ibisa n’ivyo. Muhamedi aca akoresha iki kigereranyo mukugomba kubabwira ko abo batanga muntambara nyeranda bazogwirizwa incuro mirongo irindwi ivyo batanze!!!

3.17 -- Amasezerano adasanzwe kubatanga

Tumaze gutahura incamake y’ugukunda ibintu hamwe na kahise ko kugira urudandaza muri Islamu, duca dutahura ikibasunikira gukora ivyo bita ko ari ivyizerwa hamwe n’igituma babaho ubuzima babayemwo. Hambavu y’ibi tubonye muri Korowani twoniyumvira no kumasezerano mu buryo bw’impwemu ayo Islamu isezeranira buri muntu wese atanze:

Ingabire zitanzwe mw’ibanga kugira ntizisuzuguze uwuzakiriye zigira agaciro gusumba izitanzwe kumugaragaro. Imfashanyo yose itanzwe mw’ibanga itegerezwa guha uwuyitanze uguharirwa ivyaha vyiwe (Sura al-Baqara 2:271).

Umuntu atanga aba aronse akaryo ko gusaba imbabazi ku vyaha vyiwe (Sura al-Muzammil 73:20).

Ukwezwa mu bugingo bifatwa ko biba igihe urishe amakori y’idini. (tuzakki al-zakat al-zaki) (Suras al-Ma'ida 5:12; al-Tawba 9:103; al-A'la 87:14).

Umuntu wese atanga ingabire ategerezwa kugira ibakwe mubuzima bwiwe ibihe bidahera. (Suras al-Mu'minun 23:1-4; al-Rum 30:38; al-Taghabun 64:16; al-A'la 87:14; niyindi mirongo).

Umuntu wese atanga ingabire muri Islamu aba yihaye ubwiwe (Suras al-Baqara 2:272; al-Taghabun 64:16-17; al-Muzammil 73:20; niyindi mirongo).

Aba Islamu beshi biteze kunezereza Allah mugutanga ingabire zabo, bakizera ko Allah abanezerererwa (Suras al-Baqara 2: 265,272; al-Ma'ida 5:12; al-Rum 30:39; al-Insan 76:9).

Akenshi na kenshi mukubatera intege ngo batange ingabire, Allah aboneka nk’umudandaza yama ahahamiye ingabire z’aba Islamu kandi akanabemerera ko bamuha ingwati. Arandika avyitondeye ingabire zose bamuha (Suras al-Baqara 2:270; Al 'Imran 3:92; al-Tawba 9:102-103).

Mukurangiza uwu mwihwezo, Islamu ni ikintu kimeze nk’amasezerano y’urudandaza akorana na Allah (Suras Fatir 35:29-30; al-Tawba 9:111; al-Baqara 2:272 n’iyindi mirongo).

3.18 -- Kugabisha abatanga

Umu Islamu wese atanga ingabire kugire bamubone yitwa umugenzi wa Satani (Sura al-Nisa' 4:36-38). Umuntu wese yibona agaca atanga ingabire "mu buryo bwo kwishira hejuru" akanakoresha amajambo y’agakengerwe kuri abo bakenye bakababara mumutima aba atakaje agaciro k’iyo ngabire yiwe mw’ijuru (Sura al-Baqara 2:264).

Ingumyi ntizitanga ingabire. Zinyuranya na Islamu (Suras al-Baqara 2:38; Al 'Imran 3:12; al-Tawba 9:34,76,77; al-Nur 24:22; al-Rum 30:39; Ya Sin 36:47; Fussilat 41:7; Muhammad 47:38; al-Munafiqun 63:7).

Indyarya ntiziterera. Zama zisezerana gutanga, ariko zirabesha zikanarenga ivyo ziyemeje (Sura al-Tawba 9:77).

Muhamedi yategetse aba Islamu: "Ntukarahire umuntu n’umwe, ko uzomuha ikintu na kimwe!" (Sura al-Nur 24:22)!

3.19 -- Ikibanza Muhamedi yaha amahera

Muhamedi yari umudandaza kandi akanatahura idini ryiwe ko ari urudandaza bakorana na Allah. Ivyiyumviro vyiwe vyarumvikana. Umukozi wese aberwa n’impembo. Uwudakora wese ntaco akwiye kuronka. Umuntu wese agomba kugura ategerezwa kuriha. Atakuriha ntabidandazwa biboneka. Muri ubu buryo Muhamedi yasaba utwigoro aba Islamu yari arongoye muburyo bwo kwatura, amasengesho ntabanduka, ukwisonzesha, indishi zitandukanye, kuja murugendo rweranda no kuja mu ngwano nyeranda. Bategerezwa gukora bagatama kugira baronke agakiza kabo!

Mugukora ibikorwa vyabo vy’impwemu hamwe n’ibikorwa vy’isi ushobora kwinjira muri Paradizo y’aba Islamu. igihe Allah abigomvye (Suras al-Baqara 2:261; al-Nur 24:56). Mukurangiza, Islamu ihagaze kugucungurwa n’ibikorwa. Gutanga amahera, kugurana Allah no kuguma utanga ingabire ni ikintu ntarengwa mugushiramwo inguvu muri Islamu. Uwudatanga ingabire wese canke amashikanwa ntazokwijira muri Paradizo (Sura Fussilat 41:7).

Muhamedi yari akeneye amafaranga menshi kumuryango wiwe, kumpunzi zaje ziva Maka, kumpfuvyi zo muntambara, kubakene, abashitsi, mukugura umwidegemvyo w’ aba Islamu n’intambara yiwe nyeranda (Suras al-Baqara 2: 83,177,215; al-Anfal 8:41; al-Isra' 17:26; al-Insan 76:8; al-Balad 90:16 niyindi mirongo). Yari afise impano, mukuronka amahera kubamukurikira batari bake, mbere no kubayuda n’abakristo, no kumasahu yo muntambara. Yakoresha uburyo bwose yoshobora kubibasigurira. Mukubasezeranira no kubatera ubwoba biciye mukubemangira ivyo bazoronka no kungaruka bogira batabigize, agakangura abatagomba gutanga, ngo batange ivyo batunze. Yaragerageje mbere no gutanga uguharirwa ivyaha n’ukubaha kwinjira muri Paradizo mugihe botanga ingabire nyinshi (Suras al-Baqara 2:271; al-Ma'ida 5:12; al-Tawba 9:103; al-Muzammil 73:20; al-A'la 87:14 niyindi mirongo).

Muhamedi ntiyigeze ashira amahera mumufuko wiwe ubwambere. Ahubwo, i Maka yakoresha uburyo bwiwe akura kwa Kadidjah, mugutera intege aba Islamu bariko barahamwa. Intumbero yo kwegeranya ayo mahera kwari ukugira umuryango wiwe wa Islamu Umma umererwe neza. Ubwambere, intumbero y’intambara nyeranda ntikwari ugukwiragiza Islamu, ariko kwihora, gutsinda abansi babo, no kwironkera amasahu atari make kuko ntaburyo bwinshi bwaboneka bwo kuronka ubuzima mubugararwa bwo mu kigobe c’abarabu. Kubera ivyo, mugihe ciwe abimukira batari bake bararonka ibibatunga biciye mugusahura abahita hamwe n’iidandazwa.

3.20 -- Inyifato ya Yesu kuvyerekeye amahera

Yesu we yari atandukanye. Nitiyigeze asaba abantu ko bamuha ingabire canke ngo bamuhe amakori! Iri niryo tandukaniro rikuru rihari hagati ya Yesu na Muhamedi. Ni ukuri ko umuhungu wa Mariya yavuze: Abakene muzokwamana, kandi murashobora kubafasha, igihe cose mugomba (Mark 14:7).

Naho biri uko, ntiyigeze atangura kwegeranya amafaranga, ntanaho yigeze aterereza ngo bafashe abakene. Yesu yahinduye ingendo kubamukurikira, kugira bashobore gufasha ba ntahonikora.

Yatuye avuga: Umwana w’umuntu atazanwe no gukorerwa, atari gukorera abandi, no gutanga ubugingo bwiwe kw’incungu ya benshi (Matthew 20:28).

Yesu ntiyigeze atanga icacumi, nko mw’Isezerano rya Kera canke icagatanu c’ivyo bungutse, ariko yitanze wese! Nk’ikimazi, yeretse akarorero abamukurikira: Senga kandi Mukore! Ntiyavuze ngo: senga mwiba kugire murihe amakori yanyu y’idini! Kuri Yesu nta ntambara nyeranda ishoboka. Yadusavye gukurikira ibikorwa vy’urukundo n’ivyo kwitanga. Intambara z’idini z’abakristo ni ingendo ya ruzirakristo.

Yesu yarakora cane. Yakijije abarwaye bamujeko, ataco abarihishije. Yarasenda abadayimoni aranagaburira abantu ibihumbi bitanu bariko bumviriza ubutumwa bwiza n’udukate dutatu n’udufi dutanu. Ntiyari umudandaza, afise ingendo itandukanye. Ntiyigeze asaba ko bamuhembera ivyo yakoze. Ntiyigeze ahakanira abantu ingabire ababwira ko zidakwiye, kandi ntiyigeze abasega. Yatanze ivyo yari afise nk’ishikanwa aca asesekaza Ubuntu bwiwe kuri twebwe. Yashimiye umukecuru atanze amakuta y’isenga abiri abona ko ivyo bifise agaciro kuruta abandi bose bari bashikanye uwo musi, kuko yari yatanze ivyo yari afise vyose.

Yesu yasavye abamukurikira: Ntawusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kuri umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga (Mat. 6:24).

Umwana w’umuntu yakora ivyo Se wiwe wo mw’ijuru agomba. Yarizeye, ko azomubeshaho bo n’abazomukurikira. Tugereranije n’Imana Data, yarengeye ivyo abo kw’isi baraba Tugereranije n’Imana nka Data, yarengeye ibipimo vy’iyi si aca atwigisha uko tutokwiganyira. Umuhezagiro wa Yesu wagumye kubamukurikiye haba kumurango canke mw’ijoro (Matayo 6:25-34). Murupfu rwiwe rwo kumusaraba no mukuzuka kwiwe, Yesu yatsinze icaha cose, harimwo n’urupfu, ni naco catumye aca muri iyo mibabaro yose, inzara hamwe n’amagorwa. Ntiyaducunguje amahera, ariko amaraso yiwe y’igiciro (1 Peter 1:18+19). Kuva ico gihe urukundo rw’Imana ruca rugenda ruherekeza abo bose bamukurikira. Mpwemu wiwe yabahinduyemwo umuntu w’urukundo, w’amashimwe, gukorera abandi no kwitanga.

Abakristo ntibatanga amashikanwa kugira ngo baronke agakiza, ariko ni ugukora, kuko baba barakiriye agakiza ku buntu. Ukwitanga kwacu hamwe no gutanga ni ugushima kubw’urupfu rwa Yesu i Kaluvari. Ntidukeneye gutanga inguvu zacu canke kuriha ngo duhabwe agakiza, ariko tubeshejweho n’ukwitanga ku musalaba kw’Umwami wacu Yesu kristo.

Ku rundi ruhande, Muhamedi yubatse igisagara akoresheje amakori, guhohotera ikibano no muntambara nyeranda. Yesu yubatse ubwami bwo muburyo bw’impwemu ata makori canke igisoda akoresheje. Ishengero ryiwe riracari ngaha mw’isi, ariko si iry’isi. Politike itegerezwa gutandukanwa n’ishengero ryiwe. Ariko abanyapolitike bategerezwa kwakira uburongozi bwa Mpwemu wa Yesu bagaca bakora nk’uko ubutumwa bwiza bubigisha.

Yesu ntiyigeze yugara amaso yiwe mukwerekana ivyo abamukikije bari bakeneye. Yavuze ngo: Umuntu wese yakiriye impfuvyi, mw’izina ryanje aba anyakiriye (Matayo 18:5; Mariko 9:37; Luke 9:48). Ibihumbi n’ibihumbi vy’abana b’abakobwa n’abahungu bararonse aho baba kubera izi mpanuro yatanze.

Yesu yaravuze ati: Ariko uwuzotsitaza n’umwe muri abo bato banyizera, icoroshe n’uko yohambirirwa urusyo ruremereye kw’izosi, akadobezwa i bwina mu kiyaga (Mat18:6; raba kandi muri Mark 9:42; Luk 17:2).

Muri iki gihe c’amasanamu y’ingeso mbi nk’amashusho y’abasambana, abagabo basambana, ugukorora inda bikwiragiye isi, iri jambo Yesu yavuze rizocira urubanza abantu benshi. Yesu abonye nyina wiwe ahagaze musi y’umusalaba aho yari abambwe kandi aramenya ko nk’umuvyeyi wiwe amuvyara kandi abona abantu bose bamwihakanye. Aca abwira nyina wiwe: "Nyina wanje, nguyo umwana wawe. Maze abarira wa mwigishwa, ati: Nguyo nyoko!" (Yohana 19:26-27). Yesu afasha abapfakazi (Luke 7:12). Amagorwa yo muri iyi si yahagurukije ikigongwe ciwe n’urukundo bica bimutera gukora ibitangaza.

Igihe abigishwa biwe bamubaza ico azobahemba kubera bamukurikiye, arabizeza, ko bazobishumbushwa muri iyi si mbere no mugihe kizoza bidaciye kukwitanga kwa cane ariko biciye ku rukundo rwiwe. Yesu ntamahera yabahaye, ariko yabahaye isezerano ryo kwizera (Mat 19:27-30; Luk 6:23,35, niyindi mirongo).

Igihe Yesu bamubaza ko bikwiye ko batanga amakori y’ababaganza muri ico gihe b’abaroma aca arabishura: Ivya Kayisari bihabwe kayisari, ivy’Imana bihabwe Imana (Mat 22:21). Kuri iri Jambo, ahamagarira umuntu wese ko yoha ubugingo bwiwe bwose Data wo mw’Ijuru ubu n’ibihe vyose.

Abakurikiye Kristo ntibategerezwa kuronka agakiza kabo biciye mu nkomezi zabo, biciye mugutanga ingabire, amakori y’idini, canke gutanga amahera. Ariko baratanga, bagakora kandi bagatanga amashikanwa, kuko bamaze gucungurwa ku buntu. Gutanga mw’ishengero no gukora ijanabutumwa bihindura abanyantegenke kuba umugisha kubandi. Abakristo ntibategerezwa " kwitega " impera iyariyo yose kuvyo batanga, kuko Umwami wabo niwe abakingira akaba ari nawe bahaweko nk’impera idasanzwe (Itang15:1).

"Ubuntu b’Umwami wacu Yesu Kristo, n’urukundo rw’Imana n’ugusangira Mpwemu wayo Yera" (2 Kor 13:13) Bwadushize mu muco udasa n’uwo aba Islamu bagenderamwo. Ubwami bwa Yesu Kristo bwavuye kuri Mpwemu ya Data n’iy’Umwana.Uko Muhamedi akora, ku rundi ruhande ni ivyugariye kuri iyi si bigasuzugura Mpwemu Yera. Islamu ni idini ryishimikije inguvu hamwe n’amahera. Ukwizera Yesu, nikwo kwadukuye mugacinyizo k’ivyagezwe bica birema muri twebwe ukugomba gukorera Imana.

3.21 -- UTUBAZO

Mwene Data musomyi!

Nimba wize aka gatabu neza cane, ushobora kwishura vyoroshe ibi bibazo bikurikira. Uwo wese yokwishura ku bice 90% ibibazo vyose biri muri utu dutabu indwi uko biri neza, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo ruvuye mu kigo cacu ku bijanye

N’inyigisho zo ku rwego rwo hejuru
mu gutahura imizi ya Shari’a muri Korowani

nko gutera intege uwo wese azobandanya akora igikorwa ca Kristo. Vyoba vyiza cane hamwe munyishu zawe woza urashiramwo imirongo yo muri Korowani.

  1. Mbega Muhamedi nk’uwahoze ari umudandaza yatahura gute idini? (Sura Fatir 35,29-30)
  2. Ni ibiki bikuru bikuru bigize ukwizera kw’aba Islamu? (Suras al-Bayyina 98:5 na al-Baqara 2:177)
  3. Kuki aba Islamu bizera ko Allah agaba ibintu vyose biri kuri iyi si? Ibi bifise ingaruka izihe kuri Islamu?
  4. Kuki Allah afise uburenganzira kuvyo umu Islamu wese atunze?
  5. Ni ubuhe buryo bwo gutanga Islamu yiteze ?
  6. Ni bande bategerezwa kuriha amakori y’idini (Zakat) bakanatanga ingabire kugushaka kwabo (Sadaqa)?
  7. Kuki Islamu yemera ugutanga kw’indyarya mbere no kubansi ba Islamu?
  8. Ni gute ugutanga kw’aba Islamu kubakuramw’ubwoba bw’umusi w’urubanza?
  9. Kuki Muhamedi yemeye intererano zivuye kubayuda?
  10. Umu Islamu atanga angahe kuvyo yungutse ?
  11. Kuki Muhamedi atasavye ko batanga ivyacumi (10/100) abayuda bari basanzwe bakoresha ariko agaca yironderera amategeko yiwe?
  12. Iri tegeko rishasha ryasigura iki kubakene, kumugeni, Uwahukanye canke kumupfakazi?
  13. Intumbero y’impwemu ni iyihe igihe aba Islamu batanga ? (Sura al-Baqara 2:265+272 niyindi mirongo)
  14. Kuki umu Islamu atategerezwa gusotora igihe atanga ingabire ziwe?
  15. Kuki umu Islamu ategerezwa gutanga imbere y’uko apfa? (Sura al-Munafiqun 63:10-11)
  16. Kuki aba Islamu bafata ko ingabire yo mw’ibanga ifise akamaro gusumba ingabire itanzwe kumugaragaroo canke ubwo nyene?
  17. Umu Islamu ategekwa gutanga ryari ?
  18. Mbega Muhamedi yafasha abamukurikira gute ngo ntibabe inkunzi z’amahera ?
  19. Mbega Muhamedi yahabwa ibingana gute bivuye kumasahu yo muntambara ?
  20. Kuki incuti z’amaraso ziza inyuma y’idini igihe bakira ingabire ?
  21. Ni imigwi iyihe mikuru mikuru ihabwa amakori y’idini muri Islamu ?
  22. Kuki amafaranga yatanzwe mw’idini yakoreshwa mukurekuza abaja kandi bakanayakoresha muntambara nyeranda ?
  23. Aba Islamu bakura hehe uburenganzira bwo kugura abatarizera mukubaha amadeni bagaca babinjiza muri Islamu ?
  24. Muhamedi yubahutse gute kubwira abantu biwe ngo bahe ideni Allah ? Mbega uwutanze ingabire nziza yunguka iki ?
  25. Mbega Muhamedi yapima gute ukwizera kw’aba Islamu bashasha?
  26. Mbega ideni aba Islamu baguranye Allah rizana inyungu gute?
  27. Mbega umu Islamu yiteze kuzoronka impembo gute canke agashirukabute kabakukuruke?
  28. Mbega ni kuki kuriha imbere yo gutsinda bifise akamaro gusumba kuriha inyuma yo gutsinda?
  29. Kuki ingabire itanzwe kugira ihe icubahiro uwuyitanze ita agaciro?
  30. Ni bande batazokwigera batanga?
  31. Ni hehe handitse ko amakori y’idini atuma abantu baharirwa ivyaha vyabo kandi ijambo Zakat rifatanye gute no kwozwa ivyaha?
  32. Ni gute Islamu igabanya amasezerano yayo y’imihezagiro n’ágakiza naho umu Islamu yoba yitanze bidasanzwe?
  33. Ni irihe tandukaniro rya Muhamedi na Yesu kubijanye námafaranga?
  34. Kuki Yesu yavuze, " Ntiwoshobora gukorera Imana n’amafaranga"?
  35. Mbega Yesu yagomvye gusigura iki igihe yavuga, " Ivya Kayisari bihabwe Kayisari ivy’Imana tubihe Imana"?
  36. Ni irihe tandukaniro rihari igihe tuvuga ngo agakiza ko kubuntu n’uguhemukirwa mukwiyubakira agakiza ukoresheje ivyo utanze?
  37. Mbega ubukristo ni urudandaza n’Imana canke ni iki?

Mukwishura ibi bibazo Umuntu wese ararekuriwe gukoresha ibindi bitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu mu nyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagukomeza, akagutuma, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwose!

Abo musangiye umurimo,
Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:
info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 20, 2022, at 08:51 AM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)