Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":

Home -- Kirundi -- 02. Roots -- 4 Holy War in Islam

This page in: -- Arabic? -- Chinese -- English -- French -- German? -- Indonesia? -- KIRUNDI -- Ukrainian

Previous booklet -- Next booklet

02. Imizi ya Shari’a muri Korowani

4 - INTAMBARA NYERANDA MURI ISLAMU N’INDOTO CANKE N’UKURI?

"Bice, aho ubasanga hose!" (Korowani)

Korowani irimwo imirongo irenga ijjana itegeka aba Islamu kurwanira Allah (Jihad) kandi kurwana no kwica kubwa Allah (Qital). Aha turaza, kubona incamake y’iyo mirongo. Imwe muriyo ivuga ngo: "Bice, aho ubasanga hose!" Mbega ibi bitandukanye gute n’ubutumwa bwa Yesu Kristo?



4.01 -- INTAMBARA NYERANDA MURI ISLAMU N’INDOTO CANKE N’UKURI?

"Bice, aho ubasanga hose!" (Korowani)

Umuntu wese asoma Korowani aca abona imirongo ifataniye hamwe mirongo icenda n’itanu ikaba ariyo amashure y’ivyiyumviro uko ari ane ashimikirako mugutora amatetegeko abagenga y’intambara. Umuntu wese yongerako ubuzima bwa Muhamedi nk’uko bwanditswe na Ibn Hisham kuri ayo mategeko ya Korowani kubijanye n’intambara nyeranda amenya ko guhangana kwa Muhamedi n’abadandaza i Maka no guhangana n’abayuda i Medina vyavyaye intambara z’urudacika mukigobe c’abarabu.

4.02 -- Ivyatumye Muhamedi atanguza intambara

Abasenga ibgirwamana b’i Maka bararahiye bararengwa ko batemeye ivyo Muhamedi yavuga muntahe yiwe ko Allah yoba ariwe Mana wenyene ko atazindi mana zibaho atari we gusa. Uguhangana mumpari kwatumye abatari bake bava mw’idini rya Muhamedi. Ibi vyaciye bikurikirwa n’ihamwa rifatanije no kunenwa n’ivy’ubumaratiri kuba Islamu bamwe b’abaja baba i Maka mur ico gihe. Muhamedi aca ahanura abamukurikira bababa mirongo umunani 80 ngo bahungire muri Etiyopiya ngo basabe abakristo bari babayo ko bobaha ubuhungiro. Umugore wiwe Khadija amaze gupfa, mbere na sewabo Abu Talib yari yaramureze nawe nyene amaze gupfa, ugukingirwa kw’umuryango wiwe kuba kuratembagaye, aca abona ko vyoba vyiza ahungiye i Yathrib (Medina) mu mwaka 622NY.

Imbere y’uko ahunga yari amaze kugerageza amasezerano yo kubana mumahoro incuro zitatu zose kugira arabe ko yoshobora gukingira aba Islamu bari kumwe i Medina. Amaze gushikayo aca atanguza igisagara cari gihurikiyemwo intwaro y’imico itandukanye, itagira inguvu kugera aho amaze kuronkera ubushobozi bwo guhatira buri muntu wese aba i Medina mw’idini ryiwe. Ubukene ku miryango itari mike y’aba Islamu bari bahunganye nawe bwatumye haba uruhagarara rudasanzwe mubagize iryo dini ryiwe. Mukugira ashobore kuronka ico yaha izo mpunzi ziwe bari kumwe aho i Medina yaciye abatera intege ko boja gusahura ibidandazwa vy’abantu b’i Maka vyaca muri ako karere barahakana kubikora (Sura al-Nisa' 4:73-80). Muhamedi agerageza kubaca ibijuju yifashishije ibice bimwe bimwe yavuga ko vyashigikira ico ciyumviro ciwe (Sura al-Baqara 2:216-218), kugera aho munyuma impunzi 83 n’abasangwa b’i Medina 231 bajana nawe gutera, gusagata, no kwiba ibidandazwa vy’abantu b’i Maka bari bavuye Damasiko mugihe c’umukubezi. Iyo ntambara y’i Badr aba Islamu bahavuye batsinda yahavuye ariyo ivyara intambara nyeranda. Abantu b’i Maka bafashwe nk’inyagano baca bagirwa imbohe ngo bazobohorwe bahawe ibiguzi.

Ukwo kurondera ubutunzi biciye muntambara vyavyaye kwomora imiryango y’abayuda yaba ngaho Medina. Bamaze gufasha izo mpunzi zavuye Maka "zigarurira" ayo matongo, amazu yabo mbere n’abagore babo (Suras al-Ma'ida 5:82; al-Ahzab 33:26-27; al-Hashr 59:1-7 niyindi myinshi). Muntambara yabereye Ditch Muhamedi yashoboye guteranya abansi biwe, bari bamurembeje, akoresheje kubahenda no kubaha igiturire. Ariko Hudaibiyat aca arahemuka mukubemerera imigirwa ya kera y’urugendo rweranda (Hajj) muri Islamu, kugira abantu b’i Maka ntibasubire kuronka ico binjiza muvy’ubutunzi.

Kubera Muhamedi atari agishoboye gukora urudandazwa arugika ingamiya ahandi ziciye Maka amaze kugiriranira amasezerano nabo aca ategeka abamukurikira ko batangura kurwana n’imiryango y’abimukira (Sura al-Hujurat 49:14), Abayuda baba inyuma ya Maka na Medina hamwe n’abakristo baba mugice ca ruguru ca Yemeni, kugira ashobore kuronka ubutunzi bufasha reta yiwe. Amaze gusahura hafi y’igitega c’i Khaybar umuyuda umwe w’umunyabugenegene agerageza kumuha ishano, benshi bakaba bavuga ko ari naryo ryoba ryaramuhitanye mumwaka NY 632.

Ukugerageza kwa Islamu gusigura intambara za Muhamedi
Intambara z’idini n’ubutunzi z’i Maka zakweze akaga hagati y’abadandaji bituma aba Islamu batari bake bamara imyaka bidohora muri Islamu vyasa n’imigumuko yabaye muri Efeso kuri Paulo igihe yariko aravuga Ubutumwa Bwiza (Ivyak. 19:23-40). Aba Islamu baca bita ko ukwo guhungira i Maka kwabaye ukwomorwa, ukwo mumigenzo y’abarabu ba kera yasaba ukwihora, ivyo bica bibaha ububasha bwo kwitegurira kubasubiriza mu nkoko (Suras al-Ma'ida 5:45; al-Shura 42:41-42 n’iyindi mirongo). Aba Islamu ba ntaconezwe bita izo ntambara z’i Maka ko kwari ukwikingira.

Ubukene bw’impunzi zari kumwe nawe bwatumye aguma arondera ahandi yoshobora gutera ngo ashobore kuronka amasahu. Uguhisha idini inyuma y’ivyo bitero vyatumye biba integuro yintambara. Izi ntambara nizo zatumye Islamu ikwiragira kuva kuruzi Indus gushika kw’ibahari Atlantic mu binjana vyakurikiye urupfu gwa Muhamedi. Aba Islamu b’intagondwa bafata ko intambara nyeranda ari itegeko rya Allah ngo barwanye abatizera, kuko ukubaho kwabo kuguma kugerageza aba Islamu ngo bave mw’idini (Suras al-Baqara 2:193; al-Anfal 8:39 n’iyindi mirongo). Bizera ko Allah azobana n’abatsinze urugamba (Suras Al 'Imran 3:160; al-Ma'ida 5:56 n’iyindi mirongo)!

Nta kamaro bifise kubaza ngo nde ariko aragwana iyo ntambara, kuko ariyo yerekana ko bafise inguvu. Abashigikira intambara yo kwikingira n’intagondwa zihamagarira gutera bose bahagarara kuri Korowani n’ubuzima bwa Muhamedi.

Ubupfumu n’intumbero y’intambara ya Muhamedi
Ubuhinga bwa Muhamedi i Maka n’ i Medina (NY 610-632) biboneka nk’ikinyurane kubavyihweza. Uguhungira Medina vyatumwe n’intambara yo mu majambo hamwe n’ukugerageza kw’abantu bi Maka kuzimanganya aba Islamu. Imirongo ya Satani iri muri Korowa (Sura al-Najm 53:19-22) ni ukugerageza guhemuka kwa Muhamedi ngo ashobore gufasha aba Islamu bari bigorewe. Munyuma aca awita ko ari umurongo yongorewe na Satani (Sura al-Hajj 22:52-53). Amaze kugiriranira amasezerano n’amadayimoni (jinn) mubugaragwa (Suras al-Ahqaf 46:29-32; al-Jinn 72:1-5) baciye baza baramufasha uko yohunga buke buke. Kuva ico gihe, "Amadayimoni y’aba Islamu" yatanguye kugwanana n’abantu b’aba Islamu mu ntambara nyeranda. Uburozi mu ntambara za Islamu ntiwobwirengangiza uriko uriga ivya Islamu (Sura Al 'Imran 3:61).

I Medina Muhamedi yasavye abamukurikira ko batega imitego abatizera kugira ngo babice (Suras al-Baqara 2:191; al-Tawba 9:4). Aba Islamu bavuga ko bafashwijwe n’abamarayika ngo batsinde intambara Badr (Sura al-Tawba 9:40). Muhamedi aca ahindura intabara yatsinzwemwo ya Uhud kuba intsinzi yo gutangura guharika kugira bavyare abana benshi (Sura al-Nisa' 4:3). Muhamedi ubwiwe yarwanye intambara 29, asahura, yiba kandi afata abaja benshi bica bituma akora intambara ziwe z’ubukozi bw’ikibi. Rimwe na rimwe yaremeranya n’abansi biwe; kugira bahagarike intambara, kugira yitegurire kuzobahonya burundu. Amaze gutsinda intambara yaca aha ingabire abamushigikira mu ntambara ngo abagumize muri Islamu. Igihe cose atanguye kuganira n’abakristo, canke abaserukira abimukira, intumbero yiwe kwaba ari uko bishikana canke ko bemera ko babaye abansi b’aba Islamu (Sura Al 'Imran 3:33-65, n’iyindi mirongo). Yaratuma abamuserukira bakagenda nk’abatasi agaca asaba abami bari bamwegereye ko bokwemera Islamu ubwo nyene. Abasubirizi biwe bahavuye bigabura mugutera ubwami bw’aba Sassanide n’Ababizantina mukubatera barabuzimanganya mukugenda bazingira abasoda babo.

Muhamedi yaguma abasubiriramwo ko intambara atari ikindi Atari ubuhemu! Yari umukuru w’ibihemu kugira ashobore kwihagararako mubihe vyose bikenewe. Igihe yatera imiryango y’abimukira baba hafi y’i Medina basemerera bavuga bati "turizeye! Turizeye Allah!" Ariko Muhamedi arabishura, " ntimurizera kugera aho mwatuye: Muti turishikanye!" (Sura al-Hujurat 49,14). Islamu isigura kwishikana – kugushaka kwawe canke kunguvu! Haba mubiganiro canke muntambara, intumbero ya Islamu n’uko irongora nta kindi. Umuryango w’abayuda waba Quraiza ntibagomvye kwemera ingingo ngenderwako ziwe gushika aho baboneye intambara ya Ditch. Bamwe muri bo baca bifatanya n’umwansi igihe igisagara cari kizigirijwe. Igihe abari babazigirije bisuburirira inyuma, abayuda barenga 600 biyimbiye imva izo bahavuye bahambwamwo bamaze kugandagurwa. Jibril (Gaburiyeril) yabategetse ko babagandagura.

Ukudatahura intambara nyeranda
Iri jambo ngo "Intambara nyeranda" ntaho ryanditse muri Korowani! Mu ndimi z’inyamahanga bafashe iciyumviro c’a jihadi y’abarabu. Ururimi rw’icarabu rufise amajambo menshi y’intambara, aboneka muri Korowani muburyo butandukanye.

Kifāh risigura intambara muburyo bw’ubumenyi. Igitabu ca Hitler "Mein Kampf" nubu kiracadandazwa mu bihugu vyo mu buseruko citwa "Kifahi". Ariko iri jambo ntanahamwe urisanga muri Korowani. Muhamedi ntiyigeze amenya idini ritavanze canke impari z’imenyeshamana ariko yaha akaryo k’abo babonana bose ko bokwishikana mw’idini ryiwe igihe bagirana ibiyago.

Jihād risigura " kwigora mukwitangira Allah ukoresheje inguvu zawe zose". Iri niryo ryahavuye riba ijambo aba Islamu bakoresha kuntambara z’aba Islamu bagwana n’abatizera. Ishiramwo n’intambara y’ibigwanisho hamwe n’intambara imara igihe kirekire. Iri jambo rikaza muri korowani incuro 41 muburyo butandukanye: Suras al-Baqara 2:218; Al 'Imran 3:142; al-Nisa' 4:95; al-Ma'ida 5:35, 54; al-Anfal 8:72, 74, 75; al-Tawba 9:16, 19, 20, 24, 41, 44, 73, 81, 86, 88; al-Nahl 16:110; al-Hajj 22:78; al-Furqan 25:52; al-'Ankabut 29:6,69; Muhammad 47:31; al-Hujurat 49:15; al-Mumtahina 60:1; al-Saff 61:11; al-Tahrim 66:9 n’iyindi mirongo.

Qitāl Bisigura kurwana n’ibirwanisho muntoke, ufise intumbero yo gutsinda umwansi wawe ku nguvu mbere iyo bishoboka, ukamunigisha intoke canke ukiyahura. Iri riboneka muri Korowani muburyo butandukanye incuro 67: Suras al-Baqara 2:190, 191, 193, 216, 217, 244, 246; Al 'Imran 3:13, 111, 121, 146, 167, 195, 246; al-Nisa' 4:74, 75, 76, 77, 84, 90; al-Ma'ida 5:24; al-Anbal 8:16, 29, 39, 65; al-Tawba 9:12, 13, 14, 29, 36, 83, 111, 123; al-Ahzab 33:20, 25; Muhammad 47:20; al-Fath 48:16; al-Hadid 57:10; al-Saff 61:4 n’iyindi mirongo.

Muri korowani Hirāba canke (harb) bisigura gutera Allah na Muhamedi, canke igihe wenyene ubwiwe yiyemeje intambara ku bantu barenze kumategeko yiwe. Ibi biboneka incuro 6 muri Korowani mbere bagaca bashirako n’ibihano bidasanzwe muri, Sura al-Ma'ida 5:33 kubansi badasanzwe ba Allah na Muhamedi (Suras al-Baqara 2:279; al-Ma'ida 5:33, 64; al-Anfal 8:57; al-Tawba 9:107; Muhammad 47:4).

Fi Sabīl Allah bisigura gukora igikorwa "munzira ya Allah" canke " kubera Allah abigutumye", aha niho umengo ni incamake y’iyindi mirongo yose : Suras al-Baqara 2:154, 190, 195, 218, 244, 246, 261, 262, 273; Al 'Imran 3:13, 146, 157, 167, 169; al-Nisa' 4:74, 75, 76, 84, 89, 94, 95, 100; al-Ma'ida 5:54; al-Anfal 8:60,72; al-Tawba 9:19, 24, 30, 38, 41, 60, 81, 91, 111, 120; al-Nahl 16:125; al-Hajj 22:58; al-Nur 24:22; Sad 38:26; Muhammad 47:4,38; al-Hujurat 49:15; al-Hadid 57:10; al-Saff 61:11; al-Muzammil 73:20 niyindi .
Iri jambo riboneka incuro zirenga mirongo ine na zitanu muri Korowani usanga vyegeranye no " kugwana ukoresheje ibigwanisho " (qitāl) incuro 19 , "kugwana witanga" (jihād) incuro 9 , gutanga amahera kubwa Allah (nafaqa) incuro 9 guhunga ava Maka "kubw’ukugomba kwa Allah" incuro 5.

Umuntu wese yibaza ko atantambara nyeranda ibaho yoca amenya ko Jihad (kugira inguvu kubwa Allah) muri Korowani bisigura ingorane zo gusesa amaraso, naho yoba ari umu Islamu umengo ni ntaconezwe, abantu barondera ubuhungiro canke abashigikira agateka ka muntu b’abanyaburayi. Imirongo 95 muri Korowani yemeza ikaba ari nayo bisunga mukwandika amategeko yabo itegerezwa gutahurwa muri ubu buryo.

4.03 -- Allah yemeza intambara za Muhamedi

Incuro zitari zike korowani yerekana ko ugutera kwo gusesa amaraso kw’aba Islamu (qital) kwari kwarategekanijwe kuva imbere y’ibihe mugitabu kiri mw’ijuru (Suras al-Baqara 2:216, 246; al-Nisa' 4:77; see also Al 'Imran 3:154 and al-Anfal 8:55). Ariko ico womenya nuko intambara Muhamedi yarwanye hamwe n’abamusubiriye si izabo ariko ni integuro, yari ifiswe kandi ikanashirwa mungiro na Allah ubwiwe.

Muri Sura al-Baqara 2:216 dusoma ngo: mwategetswe gukora jihad kubera kugwanira ishyaka rya idini rya Allah ariko ntimuyikunda. Wenda birashobora ko ibyo mwe mubona ko bitababereye byiza, aribyo byababera byiza, kandi biranashoboka ko mwakunda ikintu (mwibwira ko aricyo cyababera cyiza) kandi mu by’ukuri aricyo cyababera kibi. Allah ni We ufite ubumenyi (ku bintu byose), naho mwe nta bumenyi (ku bintu byose mufite)! (Sura al-Baqara 2:216)

Allah ategeka aba Islamu ko barwana bafise ibigwanisho kandi bitanga mubihe vyabo, n’inkomezi n’amafaranga kubwa Allah. Itegeko ry’intambara (qitāl) rishobora gusomwa incuro 12 muri Korowani: Suras al-Baqara 2:190, 193, 244; Al 'Imran 3:167; al-Nisa' 4:76, 84; al-Anfal 8:39; al-Tawba 9:12, 29, 36, 123; al-Hujurat 49:9. Bitanga (jihād) biboneka incuro 6: al-Ma'ida 5:35; al-Tawba 9:41, 73, 86; al-Hajj 22:78; al-Furqan 25:52.

Muri Islamu intambara ihamagarirwa aba Islamu bose b’abagabo bafise amagara meza. Abantu banse kwemera iri tegeko bashobora guhanwa aha kw’isi ndetse no mubihe bizoza. Kubwa Korowani aba Islamu bose nyabo bategerezwa kuba ari intagondwa, hako baba abigenga aba Islamu bakingira agateka ka zina muntu bafatwa ko ari abahakanyi kandi bakaba n’abanyabwoba b’abahakanyi: Uburake bwa Allah buri kuri bo.

Ubwambere bahishuriwe bari Maka: Mwigumye ntimuje mu ntambara, senga kandi murihe amakori y’idini. Ariko bamaze guhabwa itegeko i Medina ko boja muntambara yo kwironderera amasahu, abenshi muribo batinya abantu gusumba uko batinya Allah bica bitera ubwoba abenshi muri bo! Baca baravuga: Yewe Allah Umugenga wacu we! Kuki wadutegetse kugwana? Iyo uba utwihoreyeho gato [byari kurushaho kuba byiza]! (Sura al-Nisa' 4:77).

Ariko itegeko rya Allah ntirihinduka. Kuva ico gihe aba Islamu bose basoma Korowani bahamagarirwa gutanga ubugingo bwabo kw’ikimazi.

Abemeye kugwana mu nzira ya Allah, naho abahakanye bo bakagwana mu nzira ya Taghut (Shitani)! Ngaho nimugwanye abari ku ruhande rwa Taghut, mu by’ukuri imigambi mibisha ya Taghut ntambaraga ifite. (Sura al-Nisa' 4:76).

Muhamedi yahishuriye abamukurikira: Allah yaguze ubuzima n’imitungo by’abemera, abaguranira kubaha Jana. Bagwana mu inzira ya Allah; bakica bakanicwa. Iri ni isezerano ry’ukuri (Allah) yihaye (gusohoza) muri Al Tawrah (Tawurat), muri Al-Injil [Ivanjili], no muri Korowani. Ninde wakuzuza isezerano yiyemeje [gusohoza] kurusha Allah? Nuko rero ni mwishimire ubucuruzi bwanyu mwakoranye na We, kubera ko ari ugutsinda guhebuje (Sura al-Tawba 9:111).

Aba Islamu ntibaba bakibaye bidegemvya. Ariko Allah yabaguze nk’abagurano biwe aca abarungika muntambara kumugwanirira. Bamugwanira mubuja rusangi. Muri korowani dusoma imvugo itangaje: Mugwanire ishyaka idini rya Allah nk’uko koko ikwiriye [kurirwanirwa]. Ni We wabahisemo [ngo mube imbonera mu bandi bantu! (Sura al-Hajj 22:78).

Iri tegeko ntiryerekana ko Allah ari kumwe n’aba Islamu biwe gusa ariko ko, agomba kuba muribo mu bupfumu, mu vyiyumviro, kugira ashobore kwigwanira intambara ziwe neza bitamugoye. Iri ni rimwe mu mategeko akomeye yubashwe muntambara za Islamu kuko Allah yita intambara abaja biwe barwana ko ari iyiwe. Ni ubuntu budasanzwe kuri buri mu Islamu ko yubaha kandi akarwana intambara ya Allah.

Allah afatwa kwari mushobora vyose muri Islamu. Akomeye gusumba abansi biwe bose n’abansi b’aba Islamu bose (Sura al-Nisa' 4:84). Isi yose ni iyiwe (Suras Al 'Imran 3 :109, 189 ; al-Nisa' 4 :126 n’iyindi mirongo). Ariko ivyo yaremye vyose ni ivy’aba Islamu (Sura al-Baqara 2 :29). Niwe aganza isi yose (Suras al-Baqara 2 :142, 156 ; al-Nisa' 4 :131, 132 n’iyindi mirongo) Agendana n’abarwanyi biwe igihe bamutinye (Suras al-Baqara 2 :194 ; al-Tawba 9 : 40,123 n’iyindi mirongo). Nico catumye Muhamedi avuga : Mu by’ukuri mutinye Allah [mumuha icyubahiro kimukwiriye], kandi mumenyeko Allah ahora kuruhande rw’abamukiranukira]. (Sura al-Baqara 2 :194).

Allah yahaye Muhamedi intsinzi kubansi biwe bose abo Allah agomba ko abanesha (Sura al-Hashr 59:6).

Mu by’ukuri Allah akunda abahirimbanira kumuhesha ikuzo n’icyubahiro bakagwanira izina Rye bafite ubumwe, bakorera mu bumwe, [mu ibyo bakora no mu mibanire yabo mu buzima busanzwe] nk’aho hari inyubako [imwe] isobetse mu buryo bukomeye. (Sura al-Saff 61:4).

Aranakunda cane abatanga amahera kubarwanyi biwe kugira bashobore kurwana intambara nyeranda (Suras al-Baqara 2 :195 ; al-Nisa' 4 :95 ; al-Tawba 9 :20 n’iyindi mirongo). Azogwiza ivyo batanze rimwe na rimwe incuro amajana indwi (Sura al-Baqara 2:261).

Iyo abagwanyi bamwe baneshejwe canke bagahunga, Allah azoca azana abandi. Arabakunda nabo bakamukunda (Sura al-Ma'ida 5 :54). Intsinzi yose iva kuri Allah wenyene (Sura al-Anfal 8 :11).

Iyi mirongo niyo ifasha abanyamategeko b’aba Islamu kugira bemeze amategeko ajanye n’intambara. Allah yarabatoye kandi azobarongora.

4.04 -- Ni bande ari abansi ba Islamu?

Korowani iravuga abansi babo uko bari mu migwi y’abansi ba Islamu. Ikirengeye vyose, iranavuga abatera aba Islamu.

Nimugwane mu inzira ya Allah mugwanya ababagwanya. Kandi ntimuzarengere [ngo mugere aho mugwanya abatabagwanya], mu by’ukuri Allah ntakunda abarengera (Sura al-Baqara 2:190).

Niba umuntu abateye, uburyo nyine abateyemo, abe aribwo namwe mubateramo, niba ari bwo babateyemo. Mutinye Allah ! (Sura al-Baqara 2:194c).

Ukwikingira kw’aba Islamu guhagaze ku kwihora nk’uko Korowani ibivuga :

[Muri AL-Tawrah] Twabategetsemo ko umuntu uzica undi, nawe azicwe, ijisho rizahorerwa irindi, izuru rihorerwe irindi, ugutwi guhorerwe ukundi, iryinyo rizahorerwe irindi, kandi ko hazarya hanabaho igihano kuri buri gikomere cyose. Uko niko gucungurwa kwa buri wese uzakora ivyo ! (Sura al-Ma'ida 5:45).

Ukubabarira umuntu ntigushoboka, kuko igikomere cose gitegerezwa gucunguzwa ikindi. Korowani itegeka ko: Igihano (ku wacumuye) ni bwo buzima kuri mwe! (Sura al-Baqara 2:179).

Abatizera
Amajambo y’icarabu avuga abasenga ibigirwamana, abatari aba Islamu canke abahakana Imana riboneka incuro zirenga 200 co kimwe n’abatizera muri Korowani. Ibi “biremwa" ni nk’ubuyobe kw’isi no mu masi y’aba Islamu (Sura al-Tawba 8:55-56). Bafatwa nk’abanduye (Sura al-Tawba 9:28) abarenga amategeko, kuko badakurikiza Sharia na Korowani. Barya ingurube ntibanavuga izina rya Allah (bismillah) igihe babaga ibitungwa vyabo. Bafatwa nk’ibijuju, batagira amategeko abagenga, kandi ko aribo babaroga (Sura al-Baqara 2:102), banahemukira amasezerano baba bagiriraniye n’aba Islamu (Sura al-Tawba 9:12). Igicumuro cabo kinini ni uko batemera Muhamedi nk’intumwa kandi ntibanasenge Allah muburyo aba Islamu babikora. Umuntu wese atari umu Islamu aca yitwa uwutizera (kāfir) mumvugo yabo. Baravumwe na Allah, abamarayika n’abantu (Suras al-Baqara 2:89-90,161; al-A'raf 7:38; al-Ahzab 33:64,68).

Muby’ukuri ibinyabuzima bigenda ku isi bibi cyane mu maso ya Allah, ni abahakanye, kugeza ubwo badashobora kwemera. 56 Abo wakoranye nabo isezerano, ariko buri igihe niko bica iryo sezerano, kandi ntibatinya [guhemuka] (Sura al-Anfal 8:55-56).

Mu by’ukuri abahakanyi ni abanzi banyu batihishira. (Sura al-Nisa' 4:101c).

Bifuza kubona namwe [muba abahakanyi] nk’uko nabo babaye bo, kugirango muse nabo niba bishoboka. Ntimuzagire n’umwe muri bo mugira inshuti yanyu (Sura al-Nisa' 4:89).

Yewe Muhanuzi we! Jya ukoresha imbaraga zawe n’ububasha bwawe bwose, uhangane n’abahakanyi [banze kwemera Allah nk’Imana imwe n’intumwa yayo], kandi [unahangane] n’indyarya zose, kandi uzajya ubikora utabajenjekera [utabababarira]. Ubuturo bwabo buzaba ubwo mu muriro jahanamu kandi iherezo ryabo rizaba ribi cyane (Sura al-Tahrim 66:9).

Muhamedi yategerezwa gutera intambara muburyo bwose bushoboka. Abamurwanya benshi bari abasenga ibigirwamana, abatizera. Yatanguje intambara yo kubarwanya ata kigongwe. Baba bafise ihitamwo rimwe gusa: kwemera Islamu canke gupfa (Sura al-Tawba 9,1-5)! Munyuma igihano co gupfa yagisubirije kubagira abaja baba bafashwe muntambara kugira ntibapfe ubwo nyene ariko babanze guhonja umuriro wo kuba abaja buri musi. Abakristo batari bake muri Amerika baragura abaja babakuye mubihugu vyagenzurwa n’abanyaburayi mugihe c’ubukoloni. Nabo bakoze ivyo aba Islamu bakoreye abaja. Mbega abakristo boba barihanye kuri ico gikorwa kigayitse? Mbega hari uwomenya ko ubutunzi ibihugu vy’iburayi vyoba bitungishijwe n’imiruho abaja barushe babakuye muntambara zakorwa n’aba ba Islamu.

Abahakanyi n’abasenga ibigirwamana
Ukwatura ukwizera kw’aba Islamu gutuma umuntu wese yizera imana irenze imwe aba arogose kuko Islamu yemera Allah gusa ko ariwe Mana (Sura al-An'am 6:106). Umuntu wese avuga “nyina w’Imana” canke Imana ari Data, Kristo ko ari Umwana w’Imana canke ko turi abana b’Imana aba arogose bidaharirwa bivanye n’ugutahura kw’aba Islamu. Abasenga ibigirwamana bose n’abatizera baravumwe (Suras al-'Ankabut 29:25; al-Fath 48:6 n’iyindi mirongo)!

Abasenga ibigirwamana bose bategerezwa gukurwaho igihe batemeye Islamu. Kubera ko ukubaho kw’abatizera ari ikigeragezo kuba Islamu kugira bave muri Islamu, Muhamedi yahagaritse amasezerano n’abo i Maka, abaha amezi ane ngo bavyiyumvire, kugira bibafashe guhunguka. Yabatera ubwoba avuga ko azobamara igihe batemeye kuja muri Islamu (Sura al-Tawba 9:1-12).

Hanyuma y’amezi [ane] matagatifu [ukwa 1, ukwa 7, ukwa 11 n’ukwa 12 yo kuri karendari ya kisilamu] narangira, - muzagwane- maze mwice ababangikanyamana aho muzababona hose. Muzabafate bunyago [nk’uko namwe babibakorera], muzabagote munabubikire muri buri inzira mushobora kububikiriramo yose. Ariko nibihana [bakemera kuba Abayisilamu], bagakora swala ubuhozaho, bakanatanga zaka, muzabarekure bagende. Mu by’ukuri Allah ni Ghafurun [Uhebuje muguhanagura ibyaha], Rahiimun [Nyirubuntu bwose] (Sura al-Tawba 9:5).

Iki ciswe “umurongo w’inkota” cumvikana muri Sura al-Baqara 2:191-192 yafuse imirongo irenga 100 yo muri Korowani ihamagarira abantu kwihanganiranira, ukungana n’amahoro muvyo amadini. Imirongo yose ijanye no kubana neza n’abatari aba Islamu, ikoreshwa igihe aba Islamu ari inkehwa nk’uko yabikoze ari i Maka. Igihe Islamu imaze kugwira ivyo kwihangana biba bihagaze! Islamu itegerezwa, kwubaka kwiyubaka ku buryo igirira Reta itihanganira ayandi madini. Uvuze ivyo agateka kazina muntu ntibikora mu mareta y’aba Islamu kubera itegeko rya Islamu rifatwa nk’iryahumetswe n’Imana atamuntu ashobora kurihindura.

Sura al-Tawba 9:113 yerekana itandukaniro rihari hagati y’abatizera n’aba Islamu.

Ntibikwiriye ko Umuhanuzi n’abemeye basaba [Allah] guhanaguraho ibyaha ababangikanyamana [n’abahakanyi bose muri rusange], nubwo baba bafitanye isano ya hafi nabo, nyuma yuko bagaragarijwe ko abo bantu ari abo mu muriro [kuko bapfuye ari abahakanyi]. (Sura al-Tawba 9:113).

Abantu bahawe igitabu (abayuda, abakristo hamwe n’aba Sabayeni)
Mu ntango y’igikorwa ciwe c’uburongozi bw’idini yaratahura abayuda n’abakristo aca abita abahawe igitabu. Yaripfuza nawe kuronka igitabu nk’ico bafise mu carabu kugira kibabere icitegererezo c’imigenzo yabo. Yemeye ko muri Korowani hajamwo ivyababa 60% bivuye muri Mishna, Talmud anemera 8% bivuye muri Apocrypha inkuru z’abakristo. Ariko igihe abayuda n’abakristo batemeye Muhamedi nk’intumwa yabo aca arabahindurirra, aca yita abayuda ko aribo bansi bambere bakomeye b’aba Islamu mugabo aguma ari umugenzi w’abakristo mu kanya gato.

Mu by’ukuri uzasanga abafitiye Abayisilamu urwango rwinshi cyane [kurusha abandi] ari abayahudi n’ababangikanyamana [batari muri abo muri ahl AL-Kitab]. Ntakabuza ko uzasanga abari hafi yo kuba inshuti z’Abayisilamu ari abavuga bati: Twe turi abakristo. Ibyo biterwa n’uko muri bo harimo abamenyi n’Abamonke [bihaye Imana] kandi bakaba batanangira [ngo bange kuba abayisilamu iyo bamenye ukuri kwabwo]. (Sura al-Ma'ida 5:82).

Urwanko rwa Muhamedi ku bayuda ruca rubandanya rwiyongera, yabavumye incuro 10 muri Korowani (Suras al-Baqara 2: 88,159; al-Nisa' 4:46,47,52; al-Ma'ida 5:13,60,64,78; al-Ra'd 13:25 n’iyindi mirongo) aca anemeza ko Allah yahinduye bamwe muribo kuba inkende, ingurube nk’igihano (Suras al-Baqara 2:65-66; al-Ma'ida 5:60; al-A'raf 7:163-166)!

Abayuda bari barize ivy’imico, ubutunzi kandi zari incabwenge z’i Medina. Bamwe muri bo basuzugurira Muhamedi kumugaragaro. Nico gituma yiteguye kubagandagura no kubamara abitegetswe na Gaburiyeli yica umuryango umwe kuwundi.

Abakristo nabo bahavuye bankwa na Muhamedi mu nyuma, igihe barungika intumwa zirenga 60 zivuye muri Yemeni ya ruguru (Wadi Najrān) baganira ivyo ukwizera bari mu musigiti wi Medina imisi itatu. Muri ico gihe Muhamedi yerekanye ko Korowani isa n’Ubutumwa Bwiza. Umusenyeri yitwa Abu Harith b. 'Alqama abona uguhemuka kwa Muhamedi aca avayo atemeye idini rya Muhamedi. Muhamedi aca amwumvisha ko azomuzanako umwuzure n’abakristo biwe bose hamwe n’abatizera.

Abahakanye, nzabahanisha igihano gikomeye ku isi na ndetse no mu buzima buzabaho nanyuma [yubu]. Kandi ntibazagira gitabara (Sura Al 'Imran 3:56).

Mu nyuma yaho gato, Muhamedi aca arungika abagwanyi biwe muri Yemeni ya ruguru asibanganya ubwami butoya bw’abakristo. Aca asigura ko iyo ntambara yayihishuriwe na Allah.

Nimugwanye abatemera Allah ndetsen’abatemera iby’ubuzima bubaho nyuma y’ubu bw’isi, batanaziririza ibyo Allah n’Intumwa ye baziririje, ntibanemere idini ry’ukuri [ariryo Isilamu], bo muri Ahl AL- Kitab [Abayahudi n’Abakrisito]; [barwanye] kugeza ubwo bazemera gutanga umusoro ku bushake bwabo nk’ikimenyetso cy’uko bubaha [ubutegetsi bwa Kisilamu] kandi baciriye bugufi [amategeko ashyirwaho n’ubwo butegetsi]. 30 Abayahudi bavuga ko Uzayiri [Ezra] ari umwana wa Allah. Abakrisito nabo bakavuga ko Masihi [Mesiya- Yesu] ari umwana wa Allah. Ibi ni ibyo bavugisha iminwa yabo, [batabanje kubitekerezaho]. Ku birebana n’ibi bavuga, rwose birasa n’ibyavugwa n’abahakanyi babayeho mbere yabo. Allah yarabavumye. Ariko se ubundi barayoba bagana he?! (Sura al-Tawba 9:29-30).

Kuri iyi mirongo ibiri ivuye muri Sura yo kwihana kwa Muhamedi, ica ihakana abarogota bose bo mu bayuda n’abakristo ko hoba kubana mu mico itandukanye mu kigobe c’abarabu. Aca abagiriza kwizera iyindi Mana atari Allah, abayuda bizera Yahweh, Imana yabo y’isezerano, abakristo nabo bizera Imana Data, Se wa Yesu Kristo. Ariko Allah aratandukanye cane, si Imana y’abayuda, si n’Imana y’abakristo. Muhamedi yarahakanye aranafuta ivyo yari yaravuze ubwa mbere ko Imana yiwe ari kimwe niyo muri Bibiliya! Mu mpera y’ubuzima bwiwe yaratahuye ko impwemu y’aba Islamu itandukanye n’iy’abayuda n’iy’abakristo.

Iri juru rifise iminezero y’iyi si niryo ntumbero y’ivyizigiro vy’aba Islamu. Ntibazi ivyo guhinduka mu vy’impwemu, kwiyeza, kuvuka ubwa kabiri kuko nta Mpwemu Yera iri muri Islamu. Bama bibaza ko bazosubira kuremwa nk’uko vyabaye ubwambere, bizigira ko abagabo bazoba muri Paradizo bazokwongerezwa inguvu zo kurangura amabanga y’abubatse.

Imigenzo y’abayuda yubakiwe ku mibereho y’amategeko ya Mose. Abakristo bakubakira ku mibereho n’imigenzo y’amategeko ya Kristo n’inkomezi ziwe mu gihe Islamu ihagaze ku mategeko ya Muhamedi. Ayo mategeko yose atatu kuva hasi kugera hejuru! Bayita ay’ivyiyumviro bibi kuko biyumvira ko hari Imana zitatu, ataco banezwe. Ntakintu na kimwe aba Islamu bahuriyeko n’abakristo n’abayuda haba mu nyigisho menyeshamana canke n’akaranga. Ba ntaconezwe n’indyarya bemeza ko ayo madini yizera Imana imwe.

Muhamedi yarashitse igihe avuga ngo: Abayuda n’abakristo ntibari mw’idini ry’ukuri. Turi abatandukanye! Nico gituma Muhamedi atabemerera ko atakiganirro na kimwe bohuza ariko yategeka abamukurikira ko bagwana n’abayuda n’abakristo n’ibigwanisho gushika bahindutse umuryango w’aba Islamu ugira kabiri no gutanga amakori make. Irindi tegeko ry’imigenderanire y’ayo madini atatu ni nko guhemukiranira canke ukubeshanya (Suras al-Baqara 2:145; al-Hajj 22:17)!

Muhamedi yemeje ko abayuda basenga Ezira nk’Imana ivyo badafitiye icemezo. Ezira yatanguje reta y’abayuda imyaka 400 imbere ya Kristo arivyo vyabaye nk’ibendera ritukura kuri Muhamedi!

Abakristo bacokowe kubwo kwizera ko Yesu ari Umwana w’Imana! Bagerageza kubwira Ubutumwa Bwiza Muhamedi! Uwatanguje Islamu yabavumye afise ishavu aca ahamagarira Allah kubica no gusangangura buri mukristo avuga ko Yesu ari Umwana w’Imana (Sura Maryam 19:30)! Amasengesho ya Muhamedi avuma abakristo ni uburozi (Sura Al 'Imran 3:61). Kubw’ivyo, impwemu ya Muhamedi ica irigaragaza kuba ari impwemu ya antikristo iva kuri se w’ikinyoma cose, uravye muri Yohana 2:22-25; 4:1-5. Yagerageje gusambura ubwami bwa Kristo muzima!

Aba Islamu bagorana n’indyarya
Si ugutera abatari aba Islamu gusa, abatizera, abatemera, abayuda hamwe n’abakristo, abansi baboneka ba Islamu, ariko n’aba Islamu bagirira benewabo nabi. Bategerezwa kurwanywa kugera aho aba Islamu bose bazosubiriza hamwe! Ibi ni ivyiyumviro vyivyipfuzo, nk’uko akahise kerekanye incuro amajana, iri tegeko ni igice ca Korowani c’amategeko ya gisirikare kandi rigategerezwa gukurikizwa igihe cose bagomba gutera abantu batari muribo.

Abandi bafatwa nk’abinyuma ni nk’ indyarya, zigerageza kwiyerekana ko ari aba Islamu, bambara bakongera bakavuga nk’aba Islamu ariko bakizera ibitandukanye mu mitima yabo. Muhamedi yavuze ko nabo ari inkozi z’ibibi aca abavuma umuvumo nk’uwo yavumye abakristo. "Barakicwa na Allah!" (Suras al-Baqara 2:159; al-Tawba 9:30, 68; al-Ahzab 33:61; al-Fath 48:6; al-Munafiqun 63:4). Muhamedi yabanka kuko ntamahera batanga yo gufasha muntambara kandi bakanabuza abandi ba Islamu kuja muntambara (Suras al-Nisa' 4:91; al-Tawba 9:73, 120-121; al-Munafiqun 63:1-8; al-Tahrim 66:9 n’iyindi mirongo).

Abanyabwoba (Sura al-Fath 48:16-17) Ibihemu (Sura al-Anfal 8:71) nabo nyene bafatwa nk’abansi b’aba Islamu. Bategerezwa kwerekana ko babaye aba Islamu beza mukuja mu ntambara zigoye aho botegerejwe gupfa. Ntibibujijwe kugirana nabo amasezerano (Sura al-Anfal 8:58).

Islamu iragira ingorane cane cane igihe hari abanyamategeko batumvikanye kuri aka canke kariya kuri Shari’a bagaca batera ingorane muri benshi. Aba Islamu bahamagarirwa kurwana nabo, igihe babandanije baharira kandi hari hagizwe inguvu zo kuganira nabo (Suras al-Baqara 2:161, 217; al-Baqara 4:137; al-Tawba 9:66; al-Nahl 16:106; al-Kahf 18:105; al-Zumar 39:65). Aba banyempari ni ingorane ikomeye kubumwe bw’aba Islamu, nk’uko dusoma abavyeyi b’abarabu, Ishimayeri n’abamukomokako bose (Itanguriro 16). Kimwe mungorane mukutumvikana kw’aba Islamu buri muntu wese ategerezwa kugira ukuri muri ivyo.

Muhamedi yari ashavuye cane kubw’aba Islamu basubira inyuma n’abinjira muyandi madini. Yabavumye incuro zitatu: Kuri Allah, abamarayika biwe hamwe n’abandi bantu (Suras al-Baqara 2:161; Al 'Imran 3:86-87). Ibikorwa vyabo vyose vyiza ntaco bimaze (Suras al-Baqara 2:217; al-Kahf 18:105; al-Zumar 39:65). Bategerezwa kubafata nk’abicanyi (Sura al-Tawba 9:66). Uburake bwa Allah buri kuri buri muntu wese adahagaze neza muri islamu. Icaha co gusubira inyuma ntigiharirwa (Sura al-Nahl 16:106). Korowani ntivuga ko abihanye bategerezwa kwicwa, ariko sharia yoyo ihanura ko babazimanganya bagereranije no kudatahura imigenzo y’abantu ba Muhamedi.

Mbega abajanabutumwa ni abansi ba Alllah?
Muhamedi yaravuze incuro nyinshi ko kugerageza aba Islamu ngo bave mw’idini ari icaha kirengeye kwica (Sura al-Baqara 2 :191, 217 n’iyindi mirongo)! Nta mu Islamu ashobora gukora ikintu icarico cose kugira ashobore gutuma mugenzi we ata ukwizera canke imigenzo y’aba Islamu. Ni naco gituma abatari aba Islamu bagira abagenzi batari aba Islamu (Sura al-Nisa' 4:89 n’iyindi mirongo)! Muhamedi yategetse aba Islamu kurwanya iciyumviro c’abajanabutumwa akoresheje ibirwanisho.

Nimugwanye abo [bahakanyi] kugeza igihe muzabona rwose ko ntagutotezwa kuzaba kukiriho, ndetse idini rikazaba ribereyeho kugaragarira Allah gusa. (Suras al-Baqara 2:193; al-Anfal 8:39).

Iki kigeragezo kirimwo ibiganiro bica kumboneshakure n’ivy’ubukoroni bw’abanyaburengero mbere n’inyigisho z’ibihugu ba gikominista. Ariko muri rusangi biraba abajanabutumwa b’abakristo kubera igikorwa cose c’abajanabutumwa kibujijwe mu bihugu vy’aba Islamu. Islamu ntiyibona gusa nk’idini, ariko nk’idini rya Reta. Kubwira ubutumwa aba Islamu bifatwa nk’ugutera Reta no gukerageza kuyirandurana n’imizi. Ibi vyerekana ko Islamu itarota yemere ko umuntu yihitiramwo idini ryiwe ashaka.

Uko abansi baba abavukanyi
Uko umwansi wa Islamu azogenda yihana akemera Islamu n’inkingi z’ukwizera 6 zayo, yemerwa nk’umuvukanyi w’aba Islamu (Sura al-Tawba 9 :5, 11 n’iyindi mirongo). Ategerezwa guhakana ukwizera Data, Umwana na Mpwemu Yera ; akava mu kibano c’uko yahora abona isi yahoramwo, akinjira mu nzu ya Islamu, agasenga amasengesho uko ategekanijwe ndetse agatanga n’amakori y’idini nk’ikimenyemenya c’ukwizera kwiwe. Iri hinduka ntirisaba kuvuka ubwa kabiri, ariko ni ukwishikana ku mategeko y’idini rya Islamu.

4.05 -- Ukwitegurira intambara

Muhamedi yari umukuru mu gutegura ibitero vyiwe, akagenda atera intege abamukurikira kuja mu ntambara nyeranda. Avuga ko Allah yamubwiye gutegeka aba Islamu bose ngo bagwane (Suras al-Nisa' 4 :84 ; al-Anfal 8 :65 n’iyindi mirongo).

Ubwa mbere yagerageje gushira mu bumwe imiryango itumvikana (Sura al-Anfal 8 :72), abuza abavukana kugwana ndetse asaba ko abari mu mitongano bayihagarika (Suras Al 'Imran 3 :200 ; al-Nisa' 4 :59 ; al-Anfal 8 :1, 46). Yasavye ko umugwi udasanzwe w’abantu ukomotse mu miryango yose yoza kuri we kugira abamenyeshe yongere abigishe ibijanye n’idonido yo kwitegurira intambara ziri imbere (Sura al-Tawba 9 :122).

Allah yahishuriye Muhamedi kurondera abo bakorana bo mu mu bwoko bwiwe mubo bavukana ndetse no kugirana amasezerano y’urudandaza n’abantu bigenga (Sura al-Anfal 8 :75). Muri uwo mwanya nyene, yatanguye urutonde rw’ibigwanisho vyinshi cane cane mu kwegeranya imigwi y’abasirikare (Sura al-Anfal 8 :60).

Yashimikiye ku kwegeranya intererano bitewe n’intambara (Suras al-Baqara 2 :195, 261, 273 ; al-Tawba 9 :20 ; Muhammad 47 :38 ; al-Hadid 57 :10) aca ageza aba Islamu ngo bitange batiziganya mu gutanga amahera n’ubugingo (Suras al-Nisa' 4 :95 ; al-Anfal 8 :72 ; al-Tawba 9 :41 ; al-Hujurat 49 :15 ; al-Saff 61 :10-11). Yababujije gusesagura amahera ku busa busa (Sura al-Baqara 2 :195) yongera ategeka abantu kutarahira mu bigumbagumba, ababwira : “Sinzosubira namba gutanga ikintu na kimwe kubwa Allah” (Sura al-Baqara 2 :224-225) ! Ikirenzeko, yabemereye : Allah akunda abatanga kugira Islamu ikomere (jihad) (Suras al-Baqara 2 :195 ; al-'Ankabut 29 :69 n’iyindi mirongo).

Muhamedi yitega ukwizera n’ukwumvira Allah bivuye kuba Islamu ndetse no kuri we ubwiwe (Suras 8 :1,46 ; al-Fath 48 :17 n’iyindi mirongo). Yabategetse kandi kwitandukanya n’abavyeyi babo, abahungu babo, abavukanyi babo, abagore babo, abaja babo, inzu zabo ndetse n’amatongo yabo iyo babiziganirije kurwana kubwa Allah. Igihambaye kubwa Allah (Hisbollah) cerekanirwa k’ukuntu abantu bashaka gutandukana ubwabo n’imiryango yabo ndetse bakagwana iyo bikenewe, iyo babandanije ari abatizera (Suras al-Tawba 9 :24 ; al-Fath 48 :25 ; al-Mujadala 58 :22 n’iyindi mirongo).

Islamu ntaco izi kuvyo gukunda bansi canke kubereka ubugwaneza kuko abo bansi ntibizera itegeko ryahishuwe riri muri Korowani. Uwukorana nabo wese aba ateje indyane, ukudatahura ndetse akomerekeje Islamu (Suras Al 'Imran 3 :28 ; al-Nisa' 4 :89 ; al-Anfal 8 :72-73 ; al-Mumtahina 60 :1 n’iyindi mirongo).

Yemwe abemeye mwe ! Ntimugafate abanzi baNjye n’abanzi banyu ngo mubagire inshuti zanyu cyangwa ngo mugire ikintu icyo aricyo cyose mukorana nabo, cyangwa ngo mubahe [amakuru y’ibyanyu] kubera kubakunda, kandi barahakanye ukuri kwabagezeho [mwe mukakwemera], baranamenesheje Intumwa hamwe na mwe [babarenganya bakabagirira nabi mu buryo bwose, bakagera naho babirukana mukava mu ingo zanyu no mu miryango yanyu] nta kindi babahora uretse gusa kubera ko mwakiriye [ubutumwa] bwa Allah Umugenga wanyu [atari uko hari ikibi icyo ari cyo cyose mwabakoreye]. Niba mwiyemeje kujya kugwanira no guhirimbanira guhesha izina ryaNjye ikuzo n’icybahiro [Jihadi], kandi mukaba mushaka ko mbishimira, ntimukabagire inshuti cyangwa ikindi kintu icyo ari cyo cyose mukorana nabo, cyangwa mube mwabaha [amabanga y’intambara mutegura] kubera urukundo [mubafitiye]. Kandi Njye nzi neza ibyo muhisha n’ibyo mugaragaza, bityo ukora ibyo muri mwe, rwose aba yamaze kuyoba inzira itunganye. (Sura al-Mumtahina 60 :1).

Muhamedi yitandukanije n’abansi biwe arabavuma arivyo vyatumye bakurwaho. Uburake bwa Allah bwari kuri we. Allah ubwiwe n’abamarayika bafatwa nk’abagwanana n’aba Islamu mu kugwanya abatizera. Muhamedi mbere yanakoresha n’idayimoni ryirabura mu ntambara itari nyeranda yiwe (Suras al-Baqara 2 :159, 161 ; Al 'Imran 3 :61, 86, 87 ; al-Ahzab 33 :61, 64, 68 ; al-Fath 48 :6 n’iyindi mirongo).

Allah ubwiwe arabakomeza, agatunganya n’ingabo ziwe mu ntambara (Sura al-Anfal 8 :11-12). Yabemereye ko batoranijwe, gutyo bategerezwa gusenga, gutanga no kugwana (Sura al-Hajj 22 :77-78). Amatati y’ibigwanisho afatwa nk’igipimo ku batizera (Sura Muhammad 47 :4). Uwo wese atagwanana ishaka mu ntambara azohura n’ikiza gikomeye giturutse kuri Allah (Suras al-Anfal 8 :16 ; al-Tawba 9 :38 ; al-Fath 48 :16) !

Allah yahinduye yongera asubiriza imirongo yitwa ko ari “imirongo ya Satani” muri Korowani (Sura al-Najm 53 :19-22), iyo satani yahumekeye Muhamedi biciye mu mirongo myiza kugira uwuhemutse ku kwizera ntacereze umuntu wese agwana kubwa Allah (Sura al-Isra' 17 :64-65).

Muhamedi yatera intege mu gukora mu nzira nk’iy’abimukira : Yemwe abemeye mwe ! Ni kuki iyo mubwiwe ngo mujye [kugwana] mu inzira ya Allah musa nk’aho mwatsindagiwe ku butaka n’ikintu kiremereye cyane ? Mbega mushimishijwe n’ubuzima bwo muri iyi isi kuruta uko mushimishijwe n’ubuzima bubaho nyuma [y’ubu bw’isi] ? (Sura al-Tawba 9, 38).

Allah yahishuye : Muzirikane ubwo Allah Umugenga wawe yahishuriraga abamalayika aravuga ababwira ati : Mu by’ukuri njye ndihamwe namwe, none nimuhe imbaraga abemeye ; (Sura al-Anfal 8, 12) ! Yemwe abemeye mwe ! Nimwihangane kandi mukomeze kwihangana… (Suras Al 'Imran 3 :200 ; al-Anfal 8 :46) ! Mwategetswe gukora Jihadi [kubera kugwanira ishyaka idini rya Allah] ariko ntimuyikunda. Wenda birashoboka ko ibyo mubona bitababereye byiza, aribyo byababera byiza, kandi birashoboka ko mwakunda ikintu [mubwira ko ari cyo cyababera cyiza] kandi mu by’ukuri ari cyo cyababera cyiza ! (Sura al-Baqara 2,216).

Hasan al-Banna, uwatanguje umuhari w’aba Islamu muri Egiputa witwa ‘Brotherhood” bivugwa ko yavuze : “Umu Islamu mwiza si uwusenga, yisonzesha, atanga amakori y’idini ryiwe, ariko ni uwo gusa arengera ivyiwe akitegurira kwica abansi ba Allah-uwo niwe mu Islamu w’ukuri”.

Muhamedi yakoze nk’uko nyene mu gutera intege abamukurikira ababwira ati "Abemeye bose nibagwanire mu inzira ya Allah, bakoreshejeje ibigwanisho" (Sura al-Nisa' 4, 76).

Amasengesho y’aba Islamu b’inkehwa mu bihugu bitari ivy’aba Islamu canke vy’aba Islamu bigenga ashobora gukora ku bizera, kubaha kwidegemvya canke kubafasha gushiraho Reta ya Islamu (Sura al-Nisa' 4 :75). Intambara zo gusesa amaraso muri Algeria, Kosovo, Chechniya, Kashmire, Mindanao na Timor yo mu buseruko zihuye n’uyu murongo. Abagwanyi bitanga bava mu bihugu bitandukanye vy’aba Islamu bafasha abatuntuye ngo bakurwe ku gacinyizo k’abatizera.

Yemwe abemeye mwe ! Nimusakirana n’ingabo [z’abo banzi banyu], mujye mushikama mushire ubwoba mugwane nabo [inkundura ntagutinya], kandi mujye musingiza Allah cyane kugira ngo mutsinde. (Sura al-Anfal 8 :45).

Yemwe abemeye mwe ! Nimuhura n’abahakanyi muri ku rugamba, ntimugasubire inyuma ngo mubatere imigongo [mwirukanga mubahungu]. 16 Kuri uwo munsi [w’imirwano] umuntu uzasubira inyuma agatera umugongo [abanzi yiruka abahunga] uretse uzaba agamije gukoresha amayeri akoreshwa mu ntambara cyangwa uzaba ashaka kuva mu mwanya yari arimo kugirango asange irindi tsinda [ry’abarwanyi b’Abayisilamu, naba abikoze muri ubwo buryo] azagerwaho n’uburakari bwa Allah. Ubuturo bwe buzaba ari Jahanamu, kandi aho niho hantu habi ho gutura (Sura al-Anfal 8 :15-16).

Nimugira uruhare [mu gikorwa icyo ari cyo cyose] cyo kurwana ishyaka [mugamije guhesha Allah ikuzo n’icyubahiro harimo no kurwana urugamba rwa Jihadi], na We azabarwanira ishyaka [mu bibazo muhura na byo mu buzima bwa buri munsi], a nabafashe ayobore intambwe z’ibirenge byanyu, [mugende urugendo rwo muri ubu buzima] mushikamye. (Sura Muhammad 47:7).

Nibarwane mu nzira ya Allah abemeye guhara ubuzima bwo muri iyi si, bakabugurana kuzahabwa ubuzima buzabaho nyuma [y’ubu bwo mu isi]. Mu by’ukuri ari urwana mu inzira ya Allah akicwa [aguye ku rugamba], ari n’utabaruka amahoro akabona intsinzi, Tuzamuha ingororano bihebuje (Sura al-Nisa' 4:74).

Muhamedi ubwiwe niwe yigishije abagwanyi biwe uburyo bokoresha, aho bashobora kwerekana ishaka ryabo mu ntambara (Sura Al 'Imran 3:121).

Allah afise ububasha bwo guhana yivuye inyuma abatizera bose (Sura al-Nisa' 4:84).

Vyoshoboka akazoha intsinzi aba Islamu (Suras al-Anfal 8:45; Al 'Imran 3:200).

Intsinzi ikomoka kuri Allah wenyene (Suras al-Baqara 2:214; Al 'Imran 3:126; al-Anfal 8:10; al-'Ankabut 29:10; al-Rum 30:5; al-Nasr 110:1).

4.06 -- Intambara Nyakuri

Aba Islamu ni abantu nkatwe. Benshi muri bo batinya intambara, gupfa canke kwica. Ntibakunda kwiyemeza mu ntambara biteye ubwoba canke ibitero. Benshi muribo bakunda amahoro kandi bakunda ubutunzi no kubana neza n’abanyagihugu.

Muhamedi yari azi ko abamukurikira batinya. Aca abahimiriza kwitwararika Allah gusa! Nta wundi mufasha hambavu yiwe (Sura al-Jinn 72:20). Yabategetse:

"Mwiyumvire Allah kenshi" (Sura al-Anfal 8:45).

"Mwizigire we gusa" (Sura al-Anfal 8:61).

"Mutinye Allah!" Niwe gusa bategerezwa gutinya (Suras al-Baqara 2:194; Al 'Imran 3:123-129 na 200; al-Ma'ida 5:7; al-Anfal 8:1; al-Tawba 9:118-119 n’iyindi mirongo).

Muhamedi ntiyavuze: Mukunde Allah, ariko yavuze mumutinye! Uburemere bwo gutinya Allah buguma kuri Islamu.

Mu bihe vy’intambara, ibikorwa bijanye no gusenga birashobora kugabanywa. Mu gihe umugwi umwe uriko urasenga, uwundi uba witeguriye intambara no kuba maso. Gutyo abasenze bashobora kugaruka maze bagacungera bamwe babacungera bariko barasenga (Sura al-Nisa' 4:101-102). Bitega kugwana “muri” Allah canke kugwanana nawe!

Muhamedi yasavye abamukurikira kwitwararika ivya Allah n’ibibagize vyose kugira batsinde ubwoba bwabo. Intsinzi no kurindwa biva kuri Mushobora vyose gusa. Aha duca tubona ikibazo: Allah ninde muri Islamu? Muri Bibiliya dutegerezwa kuvuga: Allah muri Islamu si Data, si Umwana canke Mpwemu Yera. Korowani ivyemeza mu mirongo myinshi (Suras al-Ikhlas 112:1-4 n’iyindi mirongo). Allah si Imana nyakuri, ariko ni impwemu y’ubwicanyi ikoresha izina “Allah” naho atari Imana.

Mu yandi madini, abantu bagerageza kuronka inkomezi z’ivy’impwemu biciye mu nyigisho z’ivya mpwemu. Muhamedi yiyumviriye ko ariko arakorera Imana y’ukuri mu kumena amaraso ariko ntiyigeze amenya Imana vy’ukuri ahubwo yaguye mu mporero z’impwemu z’abadayimoni (Yoh 1:18; 16:1-3).

Muhamedi yategetse abasoda biwe gusenga Allah bafise intumbero gushika mu ruhanga rwabo hajeko ikimenyetso kivuye mu kwicisha bugufi incuro 34 ku musi harimwo n’incuro 5 z’amasengesho ku musi, nk’ikimenyetso co gutinya no gusenga Allah (Sura al-Fath 48:29). Yasezeraniye abagwanyi b’aba Islamu ko ingabo zitaboneka (abamarayika canke impwemu) bazogwanana nabo kenshi batinya-imana (Suras Al 'Imran 3:123-129; al-Tawba 9:40).

Abarongozi b’aba Islamu muri Indoneziya bahamagara amajini yabo (amadayimoni) mu nama zabo nkuru no mu bikorwa, ngo babafashe gutahura no kubaha inkomezi. Aba Islamu si abantu gusa ariko kandi n’impwemu zikorana n’abizera mu ntambara. Aba Islamu ni “abo kugwana” intambara za Allah bakingiwe kandi batewe intege bari muri “we”. Ukwica kwabo ni igikorwa co guhimbaza Allah, muri ivyo Allah agaragaza intsinzi biciye muri bo (Suras al-Hajj 22:78; al-'Ankabut 29:69). Umuntu wese atahura ko Allah wo muri Islamu atari Imana ariko ari impwemu ihumanye ashobora kubona insiguro itomoye y’iyo mirongo!

Ariko iyo hari ibintu bitumye aba Islamu banyegeza ukwizera kwabo canke bakakwihakana, ibi ntibifatwa nk’icaha mu gihe bobandanya ari aba Islamu b’ukuri mu mitima yabo (Sura al-Nahl 16:106). Intambara Nyeranda muri Islamu imisi yose ibamwo guhemuka no guhendana.

Kubwa Muhamedi, intambara yatanguranye n’inyifato z’abagavye b’aba Islamu biteguye kugwana (Sura al-Nisa' 4: 71,102). Yabategetse kuja mu migwi y’abagwanyi no kwisuka mu ntambara (Suras al-Nisa' 4:71; al-Saff 61:4). Yagerageje kwumvisha aba Islamu ko bokwiyumvanamwo nk’aho ari bamwe kugira umwe wese ashobore kwizera uwundi.

Itegeko ryiwe nyamukuru kwari uguta mu mitego umwansi: "Hanyuma ya ya mezi ane matagatifu mwice ababangikanyamana bose aho mubabona hose, mubafate, mubakikuze kandi munabatege imitego ishoboka" (Sura al-Tawba 9:5).

Dushobora gusoma incuro zitanu muri Korowani insiguro y’itegeko rya Allah ryo kwica abatizera n’abahakanyi (Suras al-Baqara 2:191 [incuro zibiri]; al-Nisa' 4:89 and 91; al-Tawba 9:5)!

Mbega icaha gikuru c’abansi ba Muhamedi ko bategerezwa gupfa cari ikihe? Ntibizera ubuvugishwa bwa Muhamedi kandi ntibizera ivyo yahishuriwe vyerekeye Imana n’umuntu, ibitabu n’intumwa ziwe, ivyo yategekanije n’ukuzuka kw’abapfuye. Ntibashobora kwemera Muhamedi nk’intumwa kuko inkuru nyinshi yaronka zava ku bayuda n’abakristo maze agaca azitanga nk’ihishurwa ryaturutse kuri Allah.

Kristo, ku ruhande rwiwe yaciye muri make igihano c’Umwana w’umuntu mu kuvuga ngo Umwitsa niyaza, azohinyuza ab’isi, abemeze ivy’icaha, n’ivy’ukugororoka n’ivy’amateka, ivy’icaha kuko batanyizeye n’ivy’ukugororoka kuko nja kwa Data, kandi namwe muzoba mutakimbona (Yoh 16:7-9). Ariko Yesu ntiyigeze ategeka abamukurikira kwica abatizera canke abacamanza barenganya, ariko yashimye gupfa mu gishingo cabo kugira ngo ivyaha vyabo bishobore gukurwaho. Yesu ntiyakuyeho gusa urubanza rw’Imana ku bagararije ariko yagwishizeko ndetse ahuza ababi bose n’Imana Yera. Uwutamwizeye wese amaze kwitanga nk’ikimazi aba yiciriye kw’iteka ubwiwe.

Muhamedi yihora kubwo guhakanwa no kugwanya abapagani, abayuda n’abakristo. Yabashizeko urubanza rwa Allah. Allah si Imana y’urukundo no guhuza ariko yiteze ko aba Islamu biwe bashira mungiro ku nguvu itegeko ryiwe. Nta Mpwemu Yera kandi ntarukundo rw’Imana muri Islamu, itegeko gusa, ukwishikana n’urubanza! Itegeko ryo kwica riboneka incuro zitanu muri Korowani rishobora kwugurura amaso abagendera kuvyiyumviro bose, abize ibijanye n’abantu b’i Burayi kugira ngo batahure uwo Muhamedi ari na Islamu ico arico.

Muhamedi yategetse abagwanyi biwe guca amazosi abansi (Suras al-Anfal 8:12; Muhammad 47:4). Uku niko bivugwa mu carabu: Mubace imitwe yabo! Gutegeka umuntu guca intoke z’abansi biwe bisigura guca amaboko yabo canke kubagabanya ibikorwa (Sura al-Anfal 8:12). Itegeko: Mukomere kuribo! risubirwamwo incuro nyinshi muri Korowani (Suras al-Tawba 9:73,123; al-Fath 48:29; al-Tahrim 66:9 n’iyindi mirongo). Umuntu wese asoma ivuka rya Muhamedi ryavuzwe na Ibn Hisham, volume II, azosoma incuro nyinshi ko ijambo inkota z’aba Islamu “zikuraho” abansi babo ikoreshwa nko mu gihe co kwimbura.

Muhamedi ntiyigeze yemerera abagwanyi biwe gufata inyagano zo gukoresha nk’abaja mu gihe bahembwa mu ntambara. Iyi nyifato mbi y’aba Islamu bamwe bamwe ituma abansi babahindukirira iyo babonye ko aba Islamu bariko baritwararika gusa kwegeranya amasahu. Niyo mpamvu imigwi y’abagwanyi ishobora kwicwa mu kanya kamwe mu ntambara ntibabatware mw’ibohero (Sura al-Anfal 8:67).

Aba Islamu benshi banka iri seswa ry’amaraso n’iyicwa ry’abantu babo babegereye, kuko babibahatiramwo. Bamwe muribo baranaririra ababo bishwe, Muhamedi aca abatera intege mu kuvuga: "Simwe mwabishe, ahubwo bishwe na Allah! Kandi wewe ntumwa ya Allah si wowe [muhamedi] wateye umucanga watumye ingabo z’abanzi zitokorwa] ahubwo Allah ni We yawuteye." (Sura al-Anfal 8:17).

Kwica abansi babo muri uyu murongo vyabonetse nk’igikorwa co kuninahaza Allah. Iyi Sura yakingira abagwanyi bose mu ntambara ya Jihad ica yugururira umuryango iterabwoba ryose rishoboka muri Islamu.

Muhamedi yabategetse ko bobandanya bagwana gushika bamaze abansi babo (Sura Muhammad 47:4). Kwegeranya amasahu no gutora abagore n’abana nk’abaja babo nivyo bahabwa nk’ishumbusho (Sura Muhammad 47:4). Igihe uwafashwe mpiri yemeye kwinjira muri Islamu, yaca ategerezwa kurekurwa ubwo nyene (Sura al-Anfal 8:70).

Iyi ngendo ya Muhamedi muvy’intambara iribonekeza incuro zitari nke muri Korowani: Bihore nk’uko namwe babagiriye nabi. Barondere aho namwe babarondereye! Bice nk’uko bishe abandi ba Islamu (Suras al-Baqara 2:190-191; al-Nahl 16:126 n’iyindi mirongo).

Ayatollah Khomeyni yavuze: "Wotuma urenganya hako urenganywa!” ariko inyigisho rukristo zitwigisha ngo “Wotuma urenganywa hako urenganya!”"

Intumbero ya nyuma y’intambara ya Islamu si ukwihora kuko barenganijwe, ariko ni ukurondera ko Islamu yotwara isi. Igikorwa nyamukuru ca Korowani kivuga mu ncamake ibijanye n’intambara ya Islamu:

"Nimurwanye abahakanyi kugeza igihe muzabona rwose ko ntagutotezwa kuzaba kukiriho, ndetse idini rikazaba ribereyeho kugaragira Allah gusa… al-Baqara 2:193; al-Anfal 8:39).

Ni muri ubu buryo Muhamedi yemeje abagwanyi biwe: Niwe wohereje Intumwa Ye kugirango iyobore abantu ibereke idini ry’ukuri [rya Isilamu], no kugira ngo [iryo dini ry’ukuri rya Isilamu] arirutishe andi madini yose abaho. Allah arahagije kuba umuhamya. (Suras al-Fath 48:28; al-Saff 61:9).

Inyuma y’intambara Allah azoha abatsinze ubudahangarwa, ubwenge n’ibindi bintu vyose bakeneye (Sura al-Baqara 2,251)! Itegeko rya Muhamedi ryo gusesa amaraso ryatumye amamiriyoni yabantu basenga imizimu, abayuda n’abakristo bagandagurwa. Igihe iri tegeko ryasubirizwa n’itegeko ryo kugira abatizera abaja, amamiriyoni n’amamiriyoni yatwawe ku minyororo batwarwa gucurishwa bufuni na buhoro. Muri Sudani honyene uyu musi, hari ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu basenga imizimu, n’abakristo bari mu magorwa adasanzwe ya bashebuja babo b’aba Islamu.

Mose, Dawidi na Salomo nabo nyene baragiye muri izo ntambara zo gusesa amaraso mw’izina ry’Imana. Ariko Yesu yabihinduye vyose mu kubihindura vyeranda. Yabigisha ngo: “Mwarumvise ko vyavuzwe, ngw’ijisho rihorwe irindi, n’iryinyo rihorwe irindi ‘Kuv 21:24), ariko jeho ndababwire, ntimugwanye umunyakibi, uwugukubise urushi mu musaya w’iburyo, umuhindukirize n’uwundi (Mat 5:38-42). Yesu yaranabwiye Petero ati: “Subiza inkota yawe ahayo! Kukw’ababanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota” (Mat 26:52).

Yesu ni kandi azokwama ari Umwami w’amahoro (Yes 9,6-7)! Ubwami bwiwe si ubw’iyi si (Yoh 18 :36). Ntiyigeze ategura abigishwa biwe ngo bagwane canke ngo abahe ibigwanisha vyica (Mat 10 :8-10). Intambara yose y’idini, iteguwe canke irongowe n’abarongozi b’ishengero ni icaha. Yesu yemeye gupfira abansi biwe ku musaraba gusumba kubica. Abamukurikiye barakubiswe, baraterwa amabuye, ntibigeze bihora, ariko bamye babahezagira kuko Umwami wacu arivyo yari yabategetse.

Ariko Yesu yahishuye : "Hahirwa abatekereza kuko aribo bazoragwa isi" (Mat 5 :5). Yategetse abamukurikira : "Mukunde abansi banyu, musabire ababahama, kugira mube abana ba So wo mw’ijuru kuko atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza kandi aha imvura abagororotsi n’abagabitanya" (Mat 5 :44-45). Aya majambo yiwe akuraho itegeko rya Muhamedi ry’urwanko !

Muri Islamu hoho biranyuranye : Umuntu wese yishe umwansi wa Allah mu ntambara, azoronka agashimwe ! Umuntu wese apfira muri iyi ntambara itari nyeranda y’aba Islamu, yizera kuzokwinjira muri Paradizo, kuri Kristo siko biri : Umuntu wese yica mw’izina rya Kristo azohanwa kandi azoja mu muriro.

Ico Yesu avuga ni urukundo mu kuri n’ubuntu burimwo ubutungane ! Idini rya Yesu riva mw’ijuru ! Idini rya Muhamedi riva ikuzimu ! Iyo Muhamedi abaho imbere ya Kristo, iyi ngeso yiwe yari kwumvikana buke buke. Ariko yabayeho imyaka 600 inyuma ya Kristo, aca asubira inyuma aja gutegura impwemu ruzirakristo mu kwanka ukutihorahorana kwa Kristo no mu kugerageza gutera ubwoba abakozi biwe. Ubwami bwa Kristo n’ubwami bwa Muhamedi buratandukanye.

4.07 -- Impembo y’abagwana muri Jihad

Kimwe mu bisuguma aba Islamu mu kuja kugwana yari amasahu ! Muhamedi yategerezwa kuronderera abamukurikira abamukurikira hamwe n’impunzi zari zavuye i Maka, aca abategeka kuja gutwara ibidandazwa vy’abansi babo. Ivyo banyaze, nivyo vyaca bifasha mu kugira ubutunzi bwa Islamu i Medina, kugira batorere inyishu ingorane z’ubutunzi zari i Medina. Abasubirizi ba Muhamedi bo hanyuma n’abarongozi bandi bari babeshejweho n’amazahabu n’imyimbu y’ibihumbi n’ibihumbi vy’abaja bakura mu mahanga yose mu ntambara. Abimukira n’aba Islamu ntibakunda gukora canke kurima cane. Bahemba abakozi canke abahinga. Aba Islamu bizera ko babayeho kugira barongore!

Abacamanza b’aba Islamu bahisemwo imirongo 9 ivuye muri Korowani ngo bategure itegeko ryo gutora amasahu, ikirenzeko igitabu c’aba Islamu kiremwo iyindi lmirongo irenga 30 ijanye na cane cane n’uko bafata abajakazi. Ibi vyerekana ko iyi mirongo ivuga uko bokwitungira n’uko bofata abaja bihabwa agaciro gusumba amasahu muri Korowani. Abafashwe b’abaja nibo bari bagize amategeko y’amasahu.

Ikindi giteye amakenga mu gutora amasahu ni ingene bayagabura ! Muhamedi yama yibutsa kenshi itegeko aba Islamu ko badakwiye guharira igihe bagabura amasahu. Aca yigira umuhagarikizi wabo. Ingingo zose afashe zaba ntarengwa (Suras al-Anfal 8 :10,41 ; al-Tawba 9 :60 ; al-Hujurat 49:9; al-Hashr 59:6-7; al-Mumtahina 60:11 n’iyindi mirongo).

"Allah na Muhammad" bahabwa ica gatanu c’amasahu yaba yegeranijwe inyuma y’intsinzi y’aba Islamu (Sura al-Anfal 8 :1, 41). Igihe agasagara canke ababa hafi y’ikigera bishikanye atangwano yiriwe iraba, ico gihe Muhamedi canke intwazangabo yazirongora mu gitero yaca itwara ibintu vyose basahuye. Abantu bose bafise ico bapfana kubw’amaraso, impfuvyi z’intambara, abakene ; abamugariye ku rugamba, ingenzi nabo bategerezwa kuronka igice c’amasahu (Suras al-Anfal 8:41; al-Hashr 59:7). Ugutanga amasahu vyari ivyo ku rwego rwo hejuru mu ntambara za Muhamedi. Inyota yo gusahura ibidandazwa rimwe na rimwe yateza ingorane hagati y’aba Islamu kubera bamwe bidodomba bakavuga ko bahabwa bike kurusha abandi kandi Muhamedi yabategetse kwama bamwumvira, gutinya Allah no guhagarika imishwano (Sura al-Anfal 8:1, 69 n’iyindi mirongo).

Korowani isigura ko amasahu ashobora kwegeranywa neza akuwe mu bisagara n’ivyaro vyatsinzwe (Sura al-Hashr 59:7). Iyindi nkuru ihambaye y’ivyinjiye yari igurishwa ry’impfungwa n’inyagano kw’incungu yo ku rwego rwo hejuru bishobotse (Suras al-Baqara 2:85; Muhammad 47:4). Muri Islamu, Allah yemerera kandi agategeka gutwara inyagano (!) ndetse akabategeka mu kubatera intege mw’irekurwa ryabo (!). Uguhindura impfungwa bwari ubundi buryo bwo kubarekura.

Muhamedi yavuze : [Yemwe mwa bayisilamu mwe] ! Allah yabasezeranije [ko nimujya ku rugamba muzajya muhakura] iminyago n’indonke byinshi ; abihutishiriza [kubona] iyi [minyago mwabonye mu intambara y’i Khayibari yari igihembo yari ahaye abaguhaye Bay- i’à], abarinda amaboko y’abantu [ayabuza kubarwanya], yabikoreye kugira ngo bibabere ikimenyetso mwe mwahisemo kuba Abayisilamu ko Allah igihe cyose aba abogamiye ku ruhande rw’abafite ukuri, kandi anabayobora mu inzira igororotse. N’indi [minyago] mutashoboye kubona, Allah akaba yaramenye [ko muzayibona]. Kandi Allah ni Qadirun [Ushobora buri kintu-kuva mbere y’ibihe kuzageza iteka ryose] ! (Sura al-Fath 48,20-21).

Inyuma y’urupfu rwiwe, idini rya Muhamedi ryaranse izindi nyigisho zijanye no gusahura zihamagarira aba Islamu gusubira ku ntsinzi ya mbere (632-732 NY), zahavuye mu nyuma zishika i Paris n’i Geneva mu burengero, i Samarkand no ku kiyaga Indus co mu buseruko. Kureka abatsinzwe ngo babakorere bakabinjiriza amahera mu gihe c’iyimbura n’ibindi bitandukanye vyafatwa nk’amasahu kuba Islamu bagenzura isi. Akamenyero ko gutora abana b’abahungu babakura mu miryango y’abakristo b’aba Balkan babajana mu gisoda c’i Janisari vyari vyemewe nk’amategeko y’ubuja kuba Sultan baba Turkish bari bafise abahungu b’abakristo 30000 batwara buri mwaka, bakabahindura aba Islamu bagaca babigishiriza ku kirimba, bakabategura nk’abasoda bo gukingira ubwami bw’abami bw’aba Othoman.

Impera y’abagwanyi ibihe bidashira
Abagwanyi ba Muhamedi ntibari bafise ivyizigiro vyo kuronka imigisha gusa ivuye kuri Allah ngaha mw’isi, ariko kandi bari biteze impembo muri Paradizo naho gukukurukira kubw’inguvu zabo n’ukwitanga bakoze muri Jihad. Islamu ni idini ry’ibikorwa vy’ubweranda ariko si idini ry’ubuntu. Aba Islamu biteze ko ibikorwa vyiza bakora ngaha kw’isi arivyo bizobagirira akamaro muri kazoza!

Abagwanyi b’aba Islamu biteze guca binjira ubwo nyene mw’itongo rya Paradizo bakiva aha kw’isi. Iryo tongo rivugwa incuro 124 muri Korowani cane cane kuvyerekeye abasoda ba Allah mw’ishirahamwe ryiwe ry’abagwanyi (Suras al-Tawba 9 :20-21 na 88-89 na 111 ; Muhammad 47 :4-6 ; al-Fath 48 :17 ; al-Saff 61 :9-12 n’iyindi mirongo). Aba Islamu benshi biteze ko bazohabwa aba Houris (inkumi zo muri Paradizo) hisunzwe igitigiri c’abansi ba Allah bazoba barishe mu bitero no mu ntambara.

Intambara za Muhamedi no kurenganya, inzara, ibikomere n’ubwibone navyo bifatwa nk’inkomoko y’ibikorwa vyiza bikorwa n’aba Islamu.

Umuntu wese akurikira Muhamedi apfiriye mu Ntambara Nyeranda ntafatwa ko apfuye, ariko aba ari muzima ari kumwe na Allah (Suras al-Baqara 2 :154 ; Al 'Imran 3 :169 ; al-Nisa' 4 :74 ; Muhammad 47 :4 ; al-Fath 48 :25 n’iyindi mirongo) ! Aba ahunze umuriro udahera biciye mu rupfu rwo kuba intwari (Sura al-Saff 61 :10). Kubw’iyi mpamvu, "abagizi ba nabi baciriwe urwo gupfa” bapimirwa mu bihe vy’intambara kuja mu bikorwa vy’ubwiyahuzi, ariho bashobora kuronka imbabazi z’ivyaha vyabo, ugutsindanishirizwa no kuja muri Paradizo bahimbawe no kuba “abamaratiri”

Ivyizigiro vy’ikinyoma ko kuja mu ntambara ya Allah canke gupfira muriyo bizana ikigongwe naho woba ufise ivyaha vyinshi birashimikirwako incuro nyinshi muri Korowani (Suras Al 'Imran 3 :157-158 na 169-171 na 193-195 ; al-Nisa' 4 :100 ; al-Saff 61 :9-12 n’iyindi mirongo). Kubw’iyi mpamvu, aba Islamu biyumvira ko badakeneye umukiza canke umucunguzi kubera biciye mu kwitanga batiziganya (Jihad), "bakoresheje amahera canke bagatanga amagara yabo", bizigira guhabwa imbabazi no gutsindanishirizwa. Biyumvira ko badakeneye Yesu kuko bashobora kwicungura ubwabo.

Ibihe vyinshi Muhamedi yashimikira ko kugira inkomezi mu ntambara za Allah bizozanira impembo ikomeye aba Islamu (Suras al-Nisa' 4 :74 na 95-96 ; al-Fath 48 :29 n’iyindi mirongo). Ukwo kubikwiragiza vyasigura ahanini kuronka amahera abafasha mu Ntambara Nyeranda. Muhamedi yabemereye ko Allah azoshumbusha birenze ikintu cose yatiwe canke yatanze mu gihe c’intambara ziwe (Suras al-Anfal 8 :60 ; al-Fatir 34 :39). Amahera Mushobora vyose aronka biciye kuri Muhamedi azokwigwiza muri banki yo mw’ijuru (Suras al-Baqara 2 :245 na 261-262 na 265 na 274 na 277 ; al-Tawba 9 :120 ; al-Hadid 57 :7 n’iyindi mirongo). Aba Islamu bose bazohabwa ameza ku musi w’urubanza ariko abagwanye bo bazohabwa ayarengeje (Sura al-Nisa' 4 :95-96) ! Ugutanga imbere yo gutsinda bitanga ikibanza co kurwego rwo hejuru muri Paradizo kurusha gutanga inyuma yo gutsinda (Sura al-Hadid 57 :10). Allah ashaka kugira buri muntu wese umutunzi. Ibi ushobora kubishikako gusa biciye mu gutanga amahera ku bushake mu ntumbero y’igisirikare ca Allah. Azoha buri muntu wese yitanga akoresheje amahera yiwe, ubugingo bwiwe intsinzi no gutunganirwa birengeje (Suras al-Tawba 9 :72, 89, 111 ; al-Saff 61 :12). Iri dini ryo mu buryo bwa firozofiya rishobora kwihwezwa muri Sura yo Kwihana :

Allah yaguze ubuzima n’imitungo by’abemera, abaguranira kubaha Jana. Barwana mu inzira ya Allah ; bakica bakanicwa. Iri ni isezerano ry’ukuri [Allah] yihaye [gusohoza] muri ALTawrah [Tawurati], muri AL-Injil [Ivanjili], no muri Kor’ani. Ninde wakuzuza isezerano wiyemeje [gusohoza] kurusha Allah ? Nuko rero nimwishimire ubucuruzi bwanyu mwakoranye na We, kubera ko ari ugutsinda guhebuje ! (Sura al-Tawba 9,111).

Muhamedi yoba yumvise ku bakristo ko Imana yacunguye abanyavyaha mu buja bw’ivyaha vyabo (I Kor 6 :20 ; I Pet 1 :18-20 n’iyindi mirongo). Ariko aca asubiza hasi icubahiro co mu buryo bw’impwemu c’iyo mirongo ! Yashimangiye ko aba Islamu bategerezwa gutanga ikiguzi ubwabo kandi bakagura Paradizo bakoresheje amaraso yabo canke amaraso y’abansi babo. Ariko Ubutumwa Bwiza buvuga ko Imana yonyene ariyo ishobora gutanga ikiguzi c’ugucungurwa “biciye mu maraso ya Kristo atagira akagero, atunganye ndetse amaraso atagira akarohe y’Umwagazi w’Intama w’Imana”. Muri iyo nzira, Muhamedi yaciye asubiriza igihano c’urupfu rwa Kristo, abisubirije uguseseka kw’amaraso y’aba Islamu mu bihe vyo mu ntambara ! Uwotahura wese uku kurogota azotahura vyagutse ndetse aniyumvire atekanye ivy’iri kosha n’ukurogota kwa Islamu.

4.08 -- Amategeko adasanzwe y’intambara n’ay’amahoro

Umuntu wese agwanya Muhamedi canke agatera ubwoba aba Islamu ngo ntibaje mu ntambara kubwa Allah ahabwa ibihano bikurikira :

Ukubabazwa mu kumumaramaza: (Suras al-Baqara 2 :90 ; al-Nisa' 4 :14, 37, 102, 151 ; al-Hajj 22 :57 ; Luqman 31 :6 ; al-Ahzab 33 :57 ; al-Mujadala 58 :16 n’iyindi mirongo).

Ukubabazwa n’umubabaro: (Suras al-Tawba 9:3, 34, 39, 79, 90; al-Hajj 22:25; al-Fath 48:16-17 and 25; al-Saff 61:10 n’iyindi mirongo).

Ukwicuza ("shadeed") ukubabazwa: (Suras al-Baqara 2:165; Al 'Imran 3:4; al-An'am 6:124; Yunus 10:70; Ibrahim 14:2, 7; al-Hajj 22:2; Saba' 34:46; Fatir 35:7, 10 n’iyindi mirongo).

Ukubabazwa gukomeye: (Suras al-Baqara 2:7; Al 'Imran 3:105; al-Ma'ida 5:33, 41; al-Anfal 8:68; al-Tawba 9:101; al-Nahl 16:106 n’iyindi mirongo).

Ukubabazwa nyakwo: (Suras al-Sajda 32:20-21; al-Zumar 39:26; al-Qalam 68:33; al-Ghashiya 88:24).

Ijambo ryo mu carabu kuvyerekeye kubabazwa canke ikiza ni “‘adhāb" rigasigura ukubabara bikomeye. Muri Korowani, iri jambo riboneka incuro zirenga 320; nk’ijambo riteye ubwoba, ni rimwe mu bintu nyamukuru bigize idini rya Muhamedi. Ntibishoboka kwiyumvira ko ukumaramaza canke ibihano vy’umubabaro vyabayeho ndetse bikaba bibandanya bihabwa abarondera amahoro, abihanye, abantu bikekwa kuba ari abatasi, imbohe canke abagore ngo bahurumbire intambara za Allah. Imirongo yanditse aho hejuru iratomoye k’umuntu atekaniwe ngo amenye neza impwemu iri muri Muhamedi na Allah wiwe iyo ariyo! Uwundi arashobora kwumva Ibiza biteye ubwoba no muyandi madini. Ariko itandukaniro n’uko Allah ubwiwe abibategeka muri Korowani, kandi yabamenyesheje gutera intege ibihano nk’ibigize itegeko rya Islamu.

Bibiliya kandi iravuga imibabaro idashira ku bantu bitandukanije ubwabo n’agakiza ka Kristo. Ariko Yesu yabujije abamukurikira kwankana, kwihora no gutuka abansi babo, nk’uko Intumwa yiwe nayo ibidutegeka ko ikibi dukwiye kukineshesha iciza (Rom 12:17-21).

Ishengero rya Katolika ntiryahereye ku mategeko n’ivyagezwa vya kristo kandi ntirishobora kugira ububasha kuri Yesu. Ariko Muhamedi yemeje, asigura yongera ashiraho ukubabazwa, ibiza n’ubwicanyi mw’izina rya Allah. Ukwihora kwiwe kunyuranye n’impwemu ya Kristo.

Muhamedi avuga: Allah azohana abatizera bose, abahemutsi n’ababiheba vuba canke mu nyuma. Uburake bwiwe buzomukurikira iyo azoja hose (Suras al-Anfal 8:16; al-Tawba 9:2-5; al-Nahl 16:106 n’iyindi mirongo). Ariko uwugwanya Allah na Islamu yiwe ku mugaragaro canke mw’ibanga, azobabazwa n’ibi bihano bikurikira:

Mu by’ukuri, igihano gihabwa abantu barwanya Allah n’intumwa [bakora ibyo Allah n’intumwa ye bababujije], bakanakora ubwangizi ku isi; ni uko bagomba kwicwa cyangwa bakabambwa cyangwa bagacibwa amaboko yabo n’amaguru yabo by’impande zitandukanye [ukuboko kw’iburyo n’ukuguru kw’ibumoso], cyangwa bakameneshwa mu gihugu. Ibyo kuri bo ni ugusuzugurika bakiri ku isi kandi no ku Munsi w’Imperuka bazahabwa ibihano bikomeye. (Sura al-Ma'ida 5:33).

Uyu murongo wa Korowani ni igice kimwe mu bigizi amategeko ku nkozi z’ibibi werekana neza igihano ku wagwanije Islamu canke agahamagarira abantu kugwanya Islamu ku mugaragaro, canke biciye mu bikorwa vy’ijanabutumwa vyo guhamagarira abantu kuva muri Islamu! Ariko aho abaserukizi mvamakungu bafise ububasha kubutegetsi, abanyamahanga bagirijwe ayo mabi barahunga. Birababaje kubona Islamu isaba ngo abantu bateje ingorane babambwe ariko turabiye muri kahise tugasanga ihakana ibambwa rya Yesu Kristo (Sura al-Nisa' 4:157).

Kugira bagwanye ibitero n’ubugarariji, abahakanyi ntibemerewe kuja i Maka canke Medina kuko babafata nk’abanduye. Bazotabwa muri Gihonomu ibihe bidashira (Suras al-Baqara 2:217; al-Anfal 8:16; al-Tawba 9:28,73; al-Tahrim 66:9 n’iyindi mirongo).

Vyongeye kandi, Korowani isaba aba Islamu kutica abagore n’abana, ikabategeka kwica abagabo gusa (Sura al-Baqara 2:190). Twiyumviriye iri ni itegeko ryiza. Ariko igitigiri c’abagore bagobererwa gukora ubusambanyi mu gihe habaye amatati ntigiharurika kandi nyuma y’intsinzi usanga ariyo mpwemu ya Islamu yiganje gusa.

Aba Islamu ntibategerezwa kugwana n’abo bafadikanije canke abo bafitanye amasezerano y’urudandaza (Suras al-Nisa' 4:90; al-Tawba 9:4, 7). Imiryango ataho yegamiye canke ibihugu ntibiterwa (Suras al-Nisa' 4:90; al-Tawba 9:4; al-Mumtahina 60:8). Abashitsi barondera ubuhungiro mu miryango y’aba Islamu bategerezwa gukingirwa mu kirongo kizwi kugira ngo bashobore kuronka amahirwe yo kumenya Islamu (Sura al-Tawba 9:6). Umuco wo kwakira abantu neza w’abarabu wahinduye intambara y’aba Islamu n’iri tegeko.

Muhamedi yasubiyemwo ibihe vyinshi ko aba Islamu badakwiye kugwana mu karenganyo (Sura al-Baqara 2:191 na 217 n’iyindi mirongo) kandi abigisha kuzirikana amategeko ya Allah. Abansi bagwanya aba Islamu bategerezwa gushimikirwako kandi bakababazwa. Ariko kubabaza ni ijambo ryoroshe kandi rishobora gusubirwamwo mu nzira zidaharurika (Suras al-Baqara 2:190; al-Hajj 22:39).

Ariko korowani isigura ko umwansi wese yihanye akemera Islamu, agasenga, agatanga amakori y’idini (Zakat) kandi akagwana kubwa Allah aba yahindutse umuvukanyi w’aba Islamu bose kandi ntashobora kwongera guterwa (Suras al-Baqara 2:192-193; al-Tawba 9:5 na 11 n’iyindi mirongo).

Muhamedi yerekanye neza abatarekuriwe kuja mu ntambara bari kumwe n’ikibano c’idini ryiwe. Abagwaye, abafise intege nke, impumyi canke ikimuga, aba Islamu baba mu bihugu bitari ivy’aba Islamu ndetse n’umuntu wese yafashwe yanyagiwe cane (Suras al-Nisa' 4:98-99 and 102; al-Tawba 9:91; al-Hujurat 48:17).

Korowani kandi yerekana uko amasezerano y’amahoro akwiriye kumera:

Ntimuzacike intege ngo musubire inyuma musabe kwiyunga [n’abanzi banyu] kandi ari mwe muri hejuru [mwatsinze], Allah ari kumwe namwe. Nta n’ubwo azabagabaniriza [ibihembo by’] ibikorwa byanyu. (Sura Muhammad 47:35).

Nimubona [abanzi] banyu hari ukuntu bashaka amahoro, namwe [ku ruhande rwa nyu] mujye muyabaha, kandi mukomeze mwiringire Allah. Mu by’ukuri We ni AL-Samii’u [Uwumva byose], AL- ‘Aliim [Umenya byose] (Sura al-Anfal 8:61).

Mwice [abo babarwanya babendereza] aho mubasanze hose, munabameneshe aho ari ho hose namwe babamenesheje; kuko kubangikanya na Allah no gutoteza abantu mu idini yabo ari bibi cyane kurusha kwica. Kandi ntimuzarwanire nabo hafi y’umusigiti mutagatifu [wa Makka], kereka bo bahabarwanyirije, nibabarwanyiriza [aho] namwe muzabarwanye. Ibyo nibyo bihembo abahakanyi bakwiriye. 192 Ariko nibarekera aho [kubarwanya, namwe mujye muhagarika kubarwanya], mu by’ukuri Allah ni Ghafurun [Uhebuje muguhanagura ibyaha by’abantu], Rahiimun [Nyirubuntu bwose]. (Sura al-Baqara 2:191b-192).

Nuko rero nibirinda kubarwanya, bakabaha amahoro, namwe muzamenye ko ALLAH Nta nzira yabahaye yo kubarwanya. Muzobona abandi bantu bazaza [bishushanya ngo mubafate ko nabo ari Abayisilamu bagenzi banyu, mu by’ukuri atari Abayisilamu ahubwo bagamije ko] mubaha amahoro, no kuyaha abantu babo [bityo ntimubarwanye]. Buri uko [bagenzi babo b’abahakanyi] babahamagariye] gusubira mu buyobyi [ubupagani], bagushwa muri bwo barushaho kubwishoramo. Nibatitandukanya namwe, bakanabaha amahoro, bemera guhagarika amaboko yabo [kubarwanya], muzabafate mubicire aho ari ho hose muzabasanga. Abo Twababahayeho ububasha busesuye [bubemerera kubarwanya]. (Sura al-Nisa' 4:90c-91).

Abacamanza b’aba Islamu bashizeho uburyo bugoye bwo gutegura amasezerano y’amahoro babikuye muri iyi mirongo ya Korowani. Ururimi rw’icarabu ruvyerekana ngaha. Muri Sura al-Anfal 8:61 na Sura Muhammad 47:35 dusoma amahoro y’igihe gito canke imbaraga zo kurondera amahoro, ariko si amahoro ya nyuma. Kubw’aba Islamu, ntibishoboka kugirana amahoro yanyuma n’abatari aba Islamu, vyiza bokwitega uguhagarika-ingwano. Amahoro ashoboka gusa ku mareta agendera munsi y’itegeko Shari’a. Kubw’ivyo, abacamanza b’aba Islamu bagabuye isi mu migwi ibiri, inzu ya Islamu yitwa kandi Inzu y’amahoro “Dar-al-Salaam” (Sura Yunus 10:25), Inzu y’Intambara. Abatari aba Islamu n’ibihugu vy’aba Islamu bigenga bari muri uwo mugwi. Bakwiye kugirirwa nabi gushika Islamu ishizweho no muribo.

Ijambo ry’icarabu “Islam” rivuye mw’ijambo salaam (amahoro) kandi risigura gushiraho-amahoro ku buryo bw’uko Islamu ishirwaho biciye muri ayo mahoro. Abakristo bake baba mu bihugu vy’aba Islamu bahabwa udupapuro dufise umutwe w’ijambo: aslim-taslim, tuvuga ko “niwahinduka umu Islamu, uzoca uronka amahoro”! Kubwa Shari’a, nt’amahoro abaho hanze ya Islamu, vyiza n’ukurindira gusa igihe co kuvyiyumvirako.

Abakristo ntibashobora kuramutsa aba Islamu “salaam ‘alaikum” kuko iyi ndamutso isigura ko bemeye ko Islamu ari iy’urufatiro ku mahoro bishobora kumenyekana bavyemeye kugushaka canke se ku nguvu!

Kristo muri Korowani afatwa nk’uwivuze ubwiwe muri Sura Maryam: Amahoro yari kuri njye ku munsi navukiyeho, azanambaho no ku munsi nzapfiraho, ndetse no ku munsi nzazuka nkongera nkaba muzima. (Sura Maryam 19:33).

Aba Islamu bose barazi ko Umwana wa mariya atigeze agira uruhara mu ngwano, canke ngo aje mu ntambara, kuko Allah atamuremeye kuba umuntu wo kugira nabi (Sura Maryam 19:32). Kubwa Korowani, Kristo yakijije abagwayi benshi azura mbere n’abapfuye (Suras Al 'Imran 3:49; al-Ma'ida 5:110). Yari umuntu w’imbabazi n’amahoro. Nt’amaraso y’umwansi yigeze avishwa n’amaboko yiwe. Kubwa Korowani, yarondera amahoro, umu Islamu wenyene w’ukuri yabayeho atagira icaha (Sura Maryam 19:19).

Ariko Muhamedi yagize ibitero 29 vy’intambara. Yahezagiye imbugita yacumise mu nda y’umurongozi w’umuyuda yamucokoye. Mu biganza vya Muhamedi hari huzuye amaraso menshi. Yarapfuye kandi arindiriye umusi w’urubanza muri reta y’umuhuza (barzach). Niyo mpamvu, aba Islamu bose yaba na Allah ndetse n’abamarayika biwe bamusengera kugira ngo ashobore kuronka amahoro (Sura al-Ahzab 33:56).

Ariko Yesu ari kumwe na Allah (Suras Al 'Imran 3:55; al-Nisa' 4:158). Ubu ni Umwana w’Umuntu ari “hafi” ya Se, kugira ngo ahabwe ububasha n’ubushobozi bwose mw’ijuru no mw’isi (Dan. 7:13-14). Ishusho ya Yesu kristo nk’Umwami w’Amahoro iraboneka no mu bice vya Korowani naho. Ntamahoro azobaho, haba muri Islamu canke kw’isi bidaciye mu mpwemu y’amahoro ya Yesu Kristo (Rom 5:1). Ugusenga isengesho ry’Umwami: Ubwami bwawe buze! biguma ari isengesho nyamukuru gushika n’uno musi kugira ngo ububasha n’ubushobozi bw’ibigeragezo vy’umwansi bitsindwe n’ubugwaneza no guca bugufi vy’Umwagazi w’Intama w’Imana.

Dukoresheje indirimbo ya Johann Christoph (1805-1880) dushinga intahe:

Bihoraho ibihe bidashira
ko Yesu ari uwunesha!
Amaze gupfa ku musaraba
yajanywe ku ntebe.
Yesu araganje ibihe bidashira

(EKG, indirimbo y’Umudagi yakurikiye Luther, Nr. 428)

Dushingiye k’ubutumwa bwa Bibiliya bizokwerekana ko ari ukuri kuri Muhamedi na Islamu yiwe: Uhoraho yabariye Umwami wanje, at’Icara i buryo bwanje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava y’ibirenge vyawe (Zab 110:1).

Indirimbo yo guhimbaza y’Intumwa Paulo mu cete yandikiye ishengero ry’abifiripi (Flp 2:5-11), co kimwe n’ishengero ry’abaroma (Rom 16:20), isubiramwo amasezerano twabonye y’intebe y’ubwami yahawe Dawidi. Intebe y’Umwagazi w’Intama w’Imana ni ikidodo c’ukudahindagurika kw’ukuri kwiwe.

4.09 -- Inyishu ziteye ubwoba z’aba Islamu ba none kuvy’itegeko ry’intambara muri Korowani

Aba Islamu benshi bahunga itegeko rya Korowani ko abizera bose b’aba Islamu bakwiye kugwana muri Jihad bitwaje ibigwanisho mu minwe yabo. Bavuga bati: Ayo mategeko yakora gusa mugihe ca Muhamedi! Ariko turiho mu bihe bitandukanye kandi duhezagirwa kubw’imbaraga z’urunganwe rwa mbere rw’aba Islamu. Amategeko ya Korowani yakora neza kuri bo, atari kuri twebwe. Twebwe turi muri Islamu ya none y’ubugwaneza kandi igakunda amahoro.

Abandi ba Islamu ni b’intagondwa bahitamwo jihad (inkomezi zose) nk’icigwa kigendesha ukwizera n’ubuzima vyabo. Batanga iciyumvira: Uno musi dutegerezwa kugwanya ubukene, igwirirana ry’abantu, ukutamenya gusoma no kwandika, igiturire no kwonona ibidukikije. Gutyo ni ugutanga umwanya wacu, turondera imbaraga n’amafaranga kugira duteze imbere imibereho yo mu bihugu vy’aba Islamu! Abo ntibashaka kubona ukuri kwa Korowani yo itegeke mu buryo butomoye bwa "qitāl", ko bakwiye kugwana bitwaje ibigwanisho. Igihe cose bakoresha imbaraga zidasanzwe z’ikibano c’idini ryabo mu ngendo zemewe.

Ama Reta menshi yo mu bihugu birenga 50 vy’aba Islamu ntiyiteguriye guhagarika intambara nyeranda bayisubirije abarongozi b’idini rya Islamu. Kubwa Umayyad, bagabuye Shari’a mu vy’isi ndetse n’idini, yemewe n’amategeko y’umuntu ubwiwe. Kubw’abarongozi ba Islamu, ukugwana n’amategeko ajanye n’inkozi z’ibibi ari munsi y’abacamanza b’amareta ya Islamu. Ibikorwa vyo gusenga ndetse n’amategeko y’ubuzima bwa misi yose biguma biri munsi y’abacamanza bo kumusigiti ndetse n’abarongozi babo. Islamu yariciyemwo imigwi mu gushira mungiro Shari’a kandi yahindutse nk’idini ya Reta.

Twihweje ivyo, intagondwa zigwanisha inkomezi z’abo zose zigwanya amareta y’aba Islamu bigenga nk’aho itegeko ryabo, Shari’a ridakwiye gukurikizwa gusa igice ariko ryoshirwa mu ngiro uko riri. Reta y’aba Islamu bigenga bagendeye ku mategeko yabo ya none boca batakaza inkomezi.

Amareta yose ku rundi ruhande yibona nkayariko arapfunga, amanika ndetse acecekesha abafata minenegwe Korowani. Ivugururwa rya Islamu ryatumye haseseka amaraso kubw’intambara mu myaka 50 iheze mu bihugu bitandukanye vya Islamu. Intumbero y’intagondwa ni ukumenyekanisha Shari’a n’intambara zose zijana naryo ndetse n’amategeko yo kunkozi z’ibibi. Riracarimwo intambara.

Igihuza amategeko y’aba Islamu bigenga n’intumbero y’intagondwa biboneka gusa mu gikorwa co kw’isi c’aba Islamu. Bakoresheje mugusubiza hasi canke kwinjira mu mahinguriro y’i Burayi, amabanki n’amareta bakoresheje amahera ava mu bitoro, ububasha bwa Islamu buragwira mu buseruko n’i Burayi. Ururimi rw’icarabu, amashure, abakora mu mazu y’uburaro n’abanyeshure bavuye mu mahanga, imisigiti ku migabane yose ndetse no guhana abageni hagati y’aba Islamu n’abatari aba Islamu bitegurwa kugira aba Islamu bagwire mu “Nzu y’Intambara”. Aba Islamu bake baba aho abakristo ari benshi basaba uburenganzira mu kibano na Politike, ivyigwa vy’idini rya Islamu mu mashure ya Reta, kwubahana muvya Politike iyo habaye ingorane muvy’ikori ry’idini, ugukingirwa atari gusa mu kibano yamara no muvy’amategeko. “Intambara Nyeranda” muvy’amahera, ubutunzi, ikibano ndetse n’indero yaramaze gutangura i Burayi no muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Ibihugu vy’i Burayi babishaka canke batabishaka bafashiriza aba Islamu mu bihugu vyabo biciye mu bana, abadafise akazi ndetse n’izindi nyungu z’ikibano. Muri uwo mwanya nyene, abarongozi benshi b’aba Islamu baranyuranya ndetse bakanahagarika kwinjiza aba Islamu b’i Burayi mw’ivugururwa ry’ukwizera kw’aba Islamu

Mu gihe ritandukanye mu gihugu n’ikindi, hafi ibice 10 kugira 25 kw’ijana vy’aba Islamu ni intagondwa. Baboneka ahanini nk’intagondwa mu binyamakuru vy’i Burayi, ariko ubu sibo gusa bashaka gushira mu ngiro uko Korowani ivuga mu nyandiko. Aba Islamu bigenga n’aba Islamu batahura ubwigenge bw’umuntu naho biri uko bafatwa nk’abatsindwa n’igitabu c’aba Islamu! Intagondwa ntizitegerezwa gufatwa nk’intagondwa, ahubwo Korowani niyo shingiro y’intagondwa. Abahuza ukwizera gutandukanye b’i Burayi ntibashaka kubimenya. Ariko nk’uko Korowani iriho, intagondwa nizo gusa ba Islamu bo kwizigirwa. Ayatollah Khomeyni niwe yari akarorero bagenderako.

Kubw’igikorwa co mw’ibanga c’abadagi, hari hafi aba Islamu b’intagondwa 20,000 baba mu Budagi. Bamwe muri bo bariko barahamwa n’uburongozi bwigenga bwabo. Bacungwa n’abakozi bo mw’igendereza. Ukubaho kw’igisirikare c’igendereza ca Islamu biri mu buryo butaboneka mu Burayi kandi umwanya wose bishobora gutera intambara ivuye ku bahakanyi nka Saddam Hussain canke Jamal Abd al-Nassr, Ayatollah Khomeyni canke Osama Bin Laden. Ibi bishika no mu bihugu vyinshi vyo kw’isi. Kuko Korowani isaba kwica abatizera bose, ibikenewe vyose ni ibisigarira kugira hatangure intambara ya gatatu ya Islamu-hamwe ivyasigaye bitoba vyarononwe n’abakunzi b’ibintu b’i Burayi!

Abakristo bategerezwa kumenya no kwemera ingorane z’ibihe kugira igikorwa citwe ko cageze mu gihugu cabo bwite. Ntaho vyigeze biboneka ko kubwira Ubutumwa Bwiza aba Islamu vyigeze bibura ingorane! Ariko ninde ariko arubahiriza ibwirizwa ry’Umwami yazutse mu bapfuye ngo abwire aba Islamu Ubutumwa Bwiza? Woba ari umugwi muto w’abakristo, abavugabutumwa b’ibihangange bubahiriza ibikorwa vy’idini mu gihe umugwi munini wiyumvira ivyawo mu buryo ko bitoshoboka? Ukubaho kw’aba Islamu mu bihugu tubamwo biduha kugira uruhara imbere ya Yesu azotubwira ku musi w’iherezo: “Ko mwabigiriye umwe muri aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye” (Mat 25:40).

4.10 -- UTUBAZO

Mwene Data musomyi!

Nimba wize aka gatabu neza cane, ushobora kwishura vyoroshe ibi bibazo bikurikira. Uwo wese yokwishura ku bice 90% ibibazo vyose biri muri utu dutabu indwi uko biri neza, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo ruvuye mu kigo cacu ku bijanye

N’inyigisho zo ku rwego rwo hejuru
mu gutahura imizi ya Shari’a muri Korowani

nko gutera intege uwo wese azobandanya akora igikorwa ca Kristo. Vyoba vyiza cane hamwe munyishu zawe woza urashiramwo imirongo yo muri Korowani.

  1. Ni imirongo ingahe muri Korowani ihamagarira aba Islamu ko bategerezwa kuja mu Ntambara Nyeranda?
  2. Ni iyihe mvo nyamukuru yatumye Muhamedi n’abadandaza b’i Maka batabihurizako?
  3. Ni aba Islamu bangahe basavye ubuhungiro abakristo bo muri Etiyopiya igihe bariko barahamwa bikomeye i Maka?
  4. Ni gute Muhamedi yakingira abahunganye nawe bava i Maka baje i Medina muri 622 N.Y?
  5. Ni gute Muhamedi yitwararika, akaronkera imfungurwa ndetse n’ibintu vyose vyafasha kubaho abantu bahunganye nawe i Medina?
  6. Kuki intambara ya Badr yo kugarukira inyifato y’aba Islamu mu Ntambara Nyeranda?
  7. Ni gute Muhamedi yaronse umwidegemvyo wo kugwanya ingwano n’abayuda b’i Medina?
  8.  Ibiganiro bizwi vya hudaibiyat n’aba Islamu vyazanye izihe mpinduka?
  9. Mbega ingwano za Muhamedi zo kwigwanira canke intambara z’ibitero zamushikanye hehe?
  10. Mbega Korowani ihishura iki kuvy’ibiganiro no gufashwa n’impwemu bita abamarayika mu ntambara nyeranda canke mu gukwiragiza Islamu?
  11. Kuki gufata, guhindura abaja muri Islamu bifatwa nk’ubuntu bwa Allah gushika muri ino misi?
  12. Ni iyihe ntumbero ya nyuma isigaye y’inguvu zose n’ibitero vyo mu Ntambara Nyeranda y’aba Islamu? Mbega ijambo “Islamu” risigura iki?
  13. Ni irihe tandukaniro kubijanye no gutahura Intambara Nyeranda kubw’aya majambo: Jihād, qitāl, fi sabīl Allah? Ni gute Intambara Nyeranda muri Islamu ari intambara y’ubwenge canke amatati canke ingwano n’intambara y’amaraso y’idini? Mbega ijambo “Intambara Nyeranda” ryanditse hehe muri Korowani?
  14. Mbega kuvuga ko Intambara Nyeranda yategekanijwe canke yanditse mu gitabu co mw’ijuru c’aba Islamu bisigura iki?
  15. Mbega iri ryungane:” Rwana mu ntambara Yiwe” risigura iki (Sura al-Hajj 22:78)?
  16. Kuki Muhamedi yamenyekanisha umuhamagaro wiwe mu vy’Intambara Nyeranda kenshi muri Korowani? Kuki aba Islamu biwe ubwa mbere batari biteguriye kugwanya abadandaza b’i Maka?
  17. Kuki Muhamedi yise abatizera ibikoko bibi kandi akabagwanya atakubihanganira no kubagirira imbabazi?
  18. Mbega ikibi c’abahakanyi c’uko bategerezwa guhagarikwa cari ikihe? Kuki n’abakristo nabo bafatwa nk’abahakanyi?
  19. Abansi nyamukuru b’aba Islamu ni bande ? Mbega ibi bisigura iki ku ngorane zo mu buseruko bwo hagati ?
  20. Kuki Muhamedi yavumye abakristo ndetse arabagwanya gushika batsinzwe ?
  21. Ni aba Islamu abahe bategerezwa kugwana ? Mbega ibi bisigura iki kuburongozi bw’aba Islamu bigenga ?
  22. Kuki abajanabutumwa canke abajisha amahema bafatwa kenshi nk’abatasi canke nk’inkozi z’ibibi kurusha abicanyi (Sura al-Baqara 2:217)?
  23. Kuki Muhamedi yategetse aba Islamu kutagiranira ubucuti n’abayuda canke abakristo (Sura al-Ma'ida 5:51)? Mbega ibi bisigura iki ku bikorwa vy’abavugabutumwa?
  24. Ni gute Muhamedi yateguye abamukurikira muyindi nzira yo kuja mu ntambara? Mbega avuze ko “intambara ari guhenda canke uguhemuka” aba ashatse kuvuga iki?
  25. Kuki aba Islamu bategerezwa kwiyumvira ubudasiba kuri Allah iyo bagiye mu ntambara?
  26. Ni kangahe Allah na Muhamedi bategetse aba Islamu kwica bivuye inyuma abatizera, abahakanyi ndetse n’abasenga imizimu (n’abavuye muri Islamu baje mubukristo)? Andika imirongo nyamukuru yo muri Korowani.
  27. Ni hehe handitse ko aba Islamu bategerezwa gukomera mu ntambara ndetse banakureko imitwe y’abansi babo? Ariko ni kubera iki adashobora kwihora umwansi wiwe birenze ivyo yagiriwe ubwa mbere?
  28. Ni gute Muhamedi yasiguye yongera ahumuriza abamukurikira bamaze kwica bamwe mu bavukanyi babo bo mu bansi ba Islamu (Sura al-Anfal 8:17)?
  29. Igikorwa Nyamukuru ca Islamu kivuga iki, canditse hehe kandi gisigura iki kubakristo bo kw’isi bose?
  30. Mbega aba islamu bunguka iki mu buzima bwa none kubw’intambara nyeranda? Ni imirongo ingahe muri Korowani ihishura ko bafise uburenganzira bwo kugira abaja?
  31. Mbega umugabane Allah na Muhamedi baronka wangana gute? Ni gute ivyinjira bivuye mu bitoro vyo mu bihugu vy’aba Islamu bazana ivugururwa rya Islamu ahariho hose uyu musi?
  32. Mbega abagwanyi b’aba Islamu biteze inyungu ki muri Paradizo? Vyanditse hehe ko umugwanyi wese apfiriye mu ntambara kubwa Allah ubwo nyene aca ajanwa muri Paradizo? Ni gute gupfira mu ntambara nyeranda bizana guharirwa ivyaha?
  33. Ni gute Muhamedi yasezeranye impano idasanzwe izohabwa muri Paradizo abaja mu ntambara nyeranda?
  34. Kuki Muhamedi yashizeho ibihano biteye ubwoba no kubabaza abansi biwe, abatasi? Ijambo ry’icarabu "'adhāb" riboneka incuro zingahe muri Korowani ku bijanye n’imibabaro, igihano canke gukosora umuntu? Ni gute Muhamedi yatomoye ivyo kwongereza ibihano?
  35. Ni ibihe bihano bihabwa uwateje indyane mu gihugu (Sura al-Ma'ida 5:33)?
  36. Ni aba Islamu abahe batemerewe kuja mu ntambara nyeranda?
  37. Ni ayahe mategeko kuvy’amasezerano yo guhagarika intambara canke y’amahoro muri Korowani?
  38. Ni gute aba Islamu bigenga canke ba none basigura Jihad (Intambara Nyeranda)?
  39. Intagondwa zumva zokora iki kuburongozi bw’aba Islamu bigenga kandi ni gute ubwo burongozi bwifata kuri ivyo bikorwa vyabo?
  40. Ni gute itsinda rya Muhamedi i Uhud ryahaye intsinzi ikomeye Islamu turiko turahura navyo birushirije?
  41. Yesu yabwiye iki Petero igihe yatora inkota yiwe ngo yigwanirire?
  42. Ni gute abakristo bafata abansi babo kandi kubw’Ubutumwa Bwiza twobafata gute?  kandi ni ibihe wipfuza kumenya birengeye aha?

Mukwishura ibi bibazo Umuntu wese ararekuriwe gukoresha ibindi bitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu mu nyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagukomeza, akagutuma, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwose!

Abo musangiye umurimo,
Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:
info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 20, 2022, at 08:52 AM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)