Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":

Home -- Kirundi -- 03. Basic Differences -- 1 The same God in Christianity and Islam?

This page in: -- Arabic? -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Indonesian -- KIRUNDI -- Portuguese -- Russian -- Telugu

Next booklet

03. Itandukaniro hagati ya Islamu n’ubukristo

1 - MBEGA ABA ISLAMU N’ABAKRISTO BASENGA IMANA IMWE?

Abagurano b’Umwami



1.01 -- MBEGA ABA ISLAMU N’ABAKRISTO BASENGA IMANA IMWE?

Abagurano b’Umwami

Kandi muzomenya ukuri,
kand’
Ukuri
kuzobaha kwidegemvya.

(Yohana 8:32)

1.02 -- INTANGAMARARA

Mu gatasi k’umwaka wa 2004, Abanyamabanga bakuru bakaba n’abashikiranganji b’intwaro yo hagati mu bihugu 25 vyunze ubumwe vy’i Burayi vyageze aho vyemera kwinjiza igihugu ca Turikiya mu muryango wa Buraya ‘’EEC’’ (European Union). Iyo ngingo ariko kandi ntiyirengagije kumenyesha abantu b’ivyo bihugu vyose ko batokwirengagiza ingorane cank’inzitizi, ariko hakaba n’ibisangirwa hagati y’ibihugu vy’Uburayi (i Burengerazuba) n’ibihugu vy’aba Islamu. Bamwe bamwe biyumvira cane ntibashoboye kuvyihanganira ngo babinezerererwe bakurikije kahise k’ivyabaye n’ivyoshobora kwaduka umwanya n’umwanya, bikaba vyonashobora gusambura no gusubiza mu rwubako abanyagihugu benshi bo muri EEC.

Uko igihugu ca Esupanye cafashwe na Islamu

Mu mwaka wa 711 Yesu amaze kuvuka, Tarik Ibn Siyad yajabutse wa mugazo wa Gibraltar ari kumwe n’abantu 7 000. We n’abamusubiriye bashoboye kwifatira igice kitari gito ca Esupanye na Portugali mu kiringo c’imyaka 20. Kugira ngo bashobore guhindura ikizinga ca Iberiya nk’igihugu kigendera ku mateka ya Islamu, uwo mugabo Tariki Ibn Siyad, yagerageje kuhateramwo abantu bavuye mu bihugu vya Siriya, Palestina, Abaperesi, Abayemeni, Aba-Iraki, Abanyegiputa n’aba-Hedjaz-Arabu, abateragira mu burere butandukanye.

Guhera mu 713 Yesu amaze kuvuka, igisirikare c’amajepfo ca Islamu kigizwe n’ingabo 18,000 bavuye muri Yemeni na Siriya ni ho bafashe igihugu c’Ubufaransa, barongowe na Musa Ibn Nusair. Muri 720, bafashe Narbonne, mu 721 bafata Nimes, Arles na Avignon. Mu 725, bateye nk’inzige umwonga wa Rhone-valley, bafata Lyon hanyuma mu mwaka wakurikiye bafata, Langres, Sens na Luxeuil muri Vosges ho mu burengerazuba bwa Basel.

Igisirikare ca ruguru ca Islamu kirongowe n’intwazangabo Abd al-Rahman al-Ghafiki yakomvomvoye Bordeaux mu 731, afata Poitiers. Yatsindiwe bidasubirwamwo hafi y’igisagara ca Tours mu 732, atsinzwe na Charles Martel (AD 714-741) hamwe n’igisoda c’aba- Franconians.

Hagati ya 752 na 759, aba-Franconians barongeye bagaruza ubumanuko bw’Ubufaransa bakoresheje igisirikare kirongowe n’igihangange Charlemagne mu mwaka wa 795 (768-814 NY). Yabohoje imisozi ya Pyrenees ayikuye mu maboko ya ki Islamu, ahindira aba Islamu kure y’uruzi rwa Ebro muri Esupanye.

Ibohozwa rya Esupanye mu maboko ya Islamu ryabaye mu bice bitatu. Ubwami bwa Gatorika Castile, Leon, Porutugali na Aragon bari basidukiye rimwe mu bice vya ruguru, i burengerazuba n’i burasirazuba bwa Esupanye. Biturutse kw’ishavu bari batewe n’ukwongera kugaruza agateka k’idini rukristo, bashoboye kwongera gufata ibice vyinshi vyari vyarafashwe na Islamu. Batanguye kugaruza ivyo bice mu kinjana ca 12 ku buryo mu mwaka wa 1212, ibihugu bigize agace ka Cordoba vyose vyari vyagabanijwe ku gice ca kane ca Esupanye. Mu 1236, Cordoba yaratewe yose, mu 1248 Seville irafatwa kandi na Cartagenas igwa mu minwe y’aba-Castiliyano. Mu 1262 Cadiz yarafashwe, ariko, Tarifas yafashwe neza na neza mu 1344. Ubwami bw’igihugu bwa Granada bwagerageje kwinanata gushika mu 1481. Mu 1492 niho hashingwa icicaro ca Diyoseze ya Gatorika mur’ico gihugu nyene. Vyafashe imyaka irenga amajana indwi yose kugira ngw’ico gihugu ca Esupanye kive mu maboko ya Islamu.

Uyu munsi, aba Islamu batava kw’izima muri Afrika ya ruguru baracagerageza kwiyitirira ibice bimwe bimwe vy’amajepfo ya Esupanye (Andalusia), kubera ko bakurikije rya tegeko ryabo rya Shari’a, akarere kose kabamwo aba Islamu kazokwama ari aka Islamu.

Umunyabwenge akomeye Friedrich Nietzsche (1844-1900 NY) yavuze kw’ikosha rihambaye ryabaye muri kahise k’ibihugu vy’i burengerazuba bw’i Burayi ryabaye intsinzi ya Charles Martell! Mu vy’ukuri, naho vyabaye ukwo, Aba Islamu mu gufata ivyo bice bagerageje gushira hamwe no gutegura umushinge ku Burayi bwa kazoza.

Aba Ottomani n’Ifatwa rya Balkani

Umukuba wa kabiri wa Islamu ku Burayi watanguye mu mwaka wa 1354 Yesu amaze kuvuka igihe umugwi w’aba Ottomani, umurwi w’umuryango mu bwoko bw’aba Turikiya ba Anatoliya bajabuka Dardanelles. Mu 1371 ni ho bifatira Bulugariya, muri 1383 Makedoniya, mu 1384 Sofiya barayifata, muri 1389 batsinda burundu igisoda gihambaye c’ibikomangoma vya Serbiya ku nkengera za Kosovo. Mu 1395, Sigismund ho muri Hungariya n’abo bari kumwe baratsinzwe. Mu 1400, Turukiya b’aba Ottomani bafashe Dobrudscha. Kubw’ivyo, uruzi Danube rwaciye ruhindura imbibe z’amaja ruguru y’Turukiya.

Intsinzi y’aba Ottomani yaciwemwo igihe Timur Lenk (Tamerlan) yatera giturumbuka Anatoliya mu (1370-1405 AD) akabamenagura akoresheje ubuhinga budasanzwe mu karere ka Ankara mu 1402. Mu mwaka wa 1453, bamaze kwiyungunganya ukundi gusha, ni ho aba-Ottomani bafata Konstantinople naho nyene bibanje kubarusha. Ukugwa kw’ico gisangara kwaryamitse hasi intwaro ya rukristo mu bihugu vy’i Burayi, inguvu ziragabanuka, ntibaba bagifise ishaka nk’iryahahora mu myaka ibihumbi n’ibihumbi, hasa nk’ahabaye agacerere. Kuva ico gihe, haciye hitwa Istanbul (igisagara c’abakire). Nyuma y’imyaka 21 y’intambara (1435-1466) Albaniya yaguye mu maboko y’Turukiya.

Konstantinople imaze kugwa, Turukiya batsinze Serebiya mu myaka mike cane (1459-1465). Naho vyabaye uko, bafashe ibihome vya Belgrade gusa mu mwaka wa 1521. Mu 1529 bafashe Bosiniya hanyuma, mur’uyo mwaka nyene bagerageje gufata igisagara ca Vienna ubwa mbere na mbere ariko vyarabananiye. Mu bitero vyakurikiye, bafashe Walachiya kuva 1521 gushika mu 1545. Mu myaka ishika 140 y’intambara, kuva mu 1541 gushika mu 1688, bafashe Transylvaniya na Hungariya. Ufatanije n’izo ntsinzi zose, aba Turukiya, maze basubiriye kugerageza gufata igisagara ca Vienne ubugira kabiri. Bahatswe kugifata mu 1683 iyo intwazangabo yari arongoye ivyo bitero idasivya canke ngw’ihe akaryo abanyagisagara agahengwe abategeka ko bomanika amaboko ubwabo hatabanje kuba intambara. Yashaka ko bemera ko batsinzwe batarwanye, maze ico gisagara kigaca kiba umwandu wiwe.

Abanyaburayi bamaze nabo kwiyungunganya no gushira hamwe mu kurwanya ivyo bitero kuri Vienne, baciye nabo bafata ingingo yo kurwana bakagaruza Balkani. Hari hakwiye ikiringo n’imiburiburi c’imyaka amajana abiri kugira ngo bashobore kubohoza ibihome vya Belgrade (1688-1867), naho hari habaye intsinzi kuri Prince Eugene. Serbiya yabohojwe mu 1882, nyuma y’imyaka irenga 400 aba Turukiya ari bo bayifise(!), Bosniya yakurikiye mu 1908, Albaniya mu 1912 hanyuma Makedoniya mu 1913.

Uw’ariwe wese atangazwa n’inyifato y’Abakristo ku ba Islamu bo muri Kosovo na Makedoniya nk’iy’umuntu yiyumviriye amabi aba Ottomani bakoreye abanyagihugu ba Balkani. Buri mwaka, Abakristo 30 000 b’urwaruka, bafise imyaka 12 canke irenga, bategerezwa kwiyandikisha ku nguvu mu mugwi w’aba-Janissari, bagahindurwa aba-Islamu ku nguvu bakaja gukoreshwa nk’intintwaramiheto mu ntambara z’Abasulutani b’aba Turukiya. Ibisekuruza vy’aba Islamu vyose vyoba bikiriho n’uyu musi mu bihugu vya Balkani, bari abakristo kera cane mbere y’izo ntambara z’aba Turukiya. Bahindukiriye idini rya Islamu kugira ngo ntibarihe amakori arengeye basabwa n’ako kagwi kabategeka no kugira ngo bareke kuguma mu gacinyizo n’agasuzuguro karengeje. Gushika uyu musi, abuzukuru b’abo bitwa abahakanyi bahawe akato kandi bakankwa n’Abakristo.

Uko ubu Abaturukiya bwasubiranye nyuma y’Intambara ya mbere y’Isi yose

Mu myaka amajana ane yose, uburasirazuba bwa Mediterrane yose, ikiyaga cirabura hamwe n’igice c’Ubuperesi n’ibihugu bimwe bimwe vy’Abarabu vyari mu bukoroni bw’aba sulutani bw’aba Ottomani. Ubwo bwami bw’aba sulutani rero bumaze gukomvomvorwa mu gihe c’intambara ya mbere y’isi yose, Ataturk (sekuruza w’aba Turukiya) yagerageje gushinga no gutanguza ikindi gihugu coba gishaka gusa n’Uburayi. Yagerageje gushira hasi ivyasa n’ivy’idini vyinshi vya Islamu muri Turukiya. Mu gihugu ciwe, yakuyeho ivya rya tegeko Shari’a (Itegeko rya Islamu) mu 1926, akuraho ibitabu vya Korawani kandi ivy’imigenzo n’ibindi bintazi. Mu mabarabara, ivyari vyarahashinzwe vyinshi arabibisambura, ahubwo yigana ibwirizwa nshingiro ry’aba Suwisi nk’ibwirizwa igihugu cose kigenderako, ku vy’amategeko y’imanza z’igihugu, ashinga ko hokurikizwa ivyo mu gihugu c’Ubutariyano naho mu vy’ubudandaji yigana ivyo mu gihugu c’Ubudagi. Aho hose yashaka kw’aba Turukiya nabo boshika ku rwego rw’abadi banya burayi mw’iterambere.

Gushira igihugu ca Turukiya ku rwego rw’ibihugu vy’Uburayi ni yo nteguro nyamukuru yari isigaye. Kandi mu vy’ukuri, benshi, nk’igice cose kimwe ca kane barashimye ivyo vyiyumviro baravyakira, igice kimwe ca gatatu b’abanyedini rya Islamu bashaka kuba hagati na hagati kuko batava ku mateka yabo ya ki-islamu nk’uko sekuruza wabo Ata Turk yari, hanyuma haduka ikindi gice c’abantu batari bake bagumye badashaka kugira ico bovanga na kimwe kw’idini rya Islamu. R.T. Erdogan, umushikiranganji wa mbere w’igihugu ahari ubu akaba yari n’umukuru w’igisagara ca Istanbul mu gihe giheze, yari mu gice c’abadakurwa kw’ijambo mu vy’idini rya Islamu akaba no mur’uwo mugambwe.

Islamu ubwayo ntihakana na gato ico iri. Si idini nk’ukw’abanyaburayi bayizi. Intumbero yayo ikwiye kuba kwegeranya abanyagihugu no kubashira mu kwizera. Ariko si ko vyari bikwiye kumera. Siko iyobokamana ritwigisha kandi sinako kahise katwigisha.

Hafi nk’imiriyoni zine z’abaturukiya baba mur’iki gihe mu Burayi, udashizemwo abanyagihugu bwite baba mu gihugu cabo. Aha kandi ntitwashizemwo abantu bashika umuriyoni w’aba Turukiya bafashe ubwenegihugu bw’Uburayi.

Ubudagi 2 550 000
Ubufaransa 350 000
Netherlands 330 000
Ububiligi 140 000
Ositiriya 119 000
Ubuswisi 100 000
Ubwongereza 80 000
Danimarike 55 000
Swede 36 000
Norveje 11 000
Italiya 11 000
Finilande 4 000
Esupanye 2 000
Luksamburu 300
Porutugale 250

Vyoba vyiza cane habaye kwumvisha Abakristo yuko boba bakwiye kugira ivyo bumvikanyeko n’aba Islamu, ntihabe ukuvangavanga ivyizerwa bitandukanye cane ukw’ari bibiri. Umwe wese afise uburenganzira bwo kwisomera akabona itandukaniro hagati y’ayo madini uko ari abiri, Islamu hamwe n’idini rukristo, akaraba ko hoba hari ico bihuriyeko canke kw’ata co!

Kuba Umunyamuryango yuzuye w’Ubumwe bw’Abanyaburayi?

Turukiya kuba umunyamuryango rwose canke kwinjira mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, atari kwinjira gusa nk’abanyamuryango bisobanura kw’abantu barenga imiriyoni mirongwibiri na zitanu z’aba Turukiya boca batangura kwimukira mu bisagara bikuru bikuru vy’Uburayi kukw’ari ho bafitiye incuti nyinshi n’imiryango bamaze gufata ivyicaro nk’abenegihugu.

Ubu tukaba turiko turongera guterwa ukundi gusha n’idini rya Islamu mu bihugu vy’Uburayi. Benshi ntibavyemera ariko ni ko vyifashe! Abanyapolitike bamwe bakurikiranira hafi uku kwiyongera buhoro buhoro ariko kandi ku bwinshi kw’iryo dini rya Islamu, mu gushaka kugira uruvangatirane rw’imico itandukanye mw’ivyo bihugu batanabanje kwiga ku ngaruka kw’idini rukristo; ahandi naho kugira ngo baze barironkera amajwi menshi mu gihe c’amatora mu gihugu y’imigambwe myinshi.

Ubiravye nk’ukw’ibiharuro biri muri Federal Bureau of Statistics mu Wiesbaden, aba Turukiya bazoba bababa imiriyoni ijana mu mwaka wa 2050. Kubw’ivyo, aba Turukiya mu gihe gito cane cegereje bazoba ari nk’igice kimwe ca gatanu c’abantu bose baba mu bihugu Vyunze Ubumwe vy’Uburayi, kandi bisanzwe bibandanije gutyo, bazoba bashoboye guhindura ibitari bike mw’iterambere ry’Uburayi; babicishije mu matora gusa kuko bazoba bafise ababaserukira mu nzego zikomeye z’ibihugu.

Ikibabaje, ni uko benshi muri ba kavukire nyezina mu banyagihugu b’ivyo bihugu vy’Uburayi ataco bakora ngo bafashe mu vy’abakozi n’abanyeshure b’abanyamahanga na cane cane baturuka mu bihugu vy’idini rya Islamu mu kwinjirira imico y’abanyaburayi. Ni nde yoba yaragerageje kugendera umuryango n’umwe w’aba Turukiya no kubafasha gutunganya ingorane z’iwabo mu vya politike cank’ukw’ibihugu vyabo vyotwarwa? Turukiya benshi usanga bibereye aho nk’inyakamwe, bakigundaniriza mu vy’amoko yabo no mu vy’idini ryabo mu bisagara barimwo. Mu misigiti yabo, bigishwa kutigera begera Abayuda cank’Abakristo ngo bagiriranire ubucuti ngo kuko bohava babahindukiriza mw’idini ryabo nk’uko biri muri Korowani (Suras al-Nisa' 4:89.101; al-Tauba 9:29-30; al-Mumtahina 60:1; al-Saff 61:9; a.o.). Kubw’ivyo, abo bagiye mu bihugu vy’i Burayi, benshi muri bo bataye imitwe gusa mu vyizerwa vy’iwabo mbere kuruta n’uko bari basanzwe mu bihugu baje bavamwo. Eka mbere n’imisigiti mishasha yubakwa usanga yitirirwa aba sulutani n’intwazangabo bigeze gufata kera cane vya bihugu vya kera vya Balkani muri ca gihe c’aba Ottomani canke Allah.

1.03 -- Aba Islamu n’Abakristo basenga Imana imwe?

Gusenga Allah

Witegereje neza aba Islamu mu bwenge bwabo, usanga basenga ibihetangabo bitanu ku musi; isengesho rimwe ryose rigatwara n’imiburiburi iminota hagati ya cumi n’itanu na mirongwibiri. Ubwo bwizigirwa bwabo mu masengesho ni vyo vyago bihambaye Abakristo bakwiye guhangana n’idini rya Islamu. Tutize gufata umwanya uhagije wo gusenga no kuba abizigirwa mu masengesho dukora, uzosanga natwe twafatiwemwo tugende akayombekere mbere twisange twinjiye muri Islamu tutabizi.

Mur’ayo masengesho yose mw’ivyo bihetangabo bitanu ku munsi, umu Islamu wese yunama akoza agahanga kiwe hasi imbere ya Allah ibihetangabo birenga nka 34 vyose ku musi, yerekana ko yitanze wese ku muremyi wiwe, umucamanza na segaba w’isi yose. Ijambo ry’icarabu “Islam” risobanurwa kwishikana wese, kwiha no kwiherera hamwe no kwicisha bugufi no kugamburuka muri vyose. Umu Islamu si umuntu rero yidegemvya mu vy’ukuri. Yishikanye wese nk’umugurano wa Allah kandi akaba yamatanye nawe ibihe vyose.

Buri musi, amamiriyoni y’aba Islamu basenga Allah ibihetangabo bitanu hakurikijwe umuco n’imigenzo vy’imisigiti yabo canke aho bari hose n’iy’atawuhari. Buri musi, iryo sengesho ryabo rikwiragira ku mubumbe w’isi yose nk’aho bamaze kuronka intsinzi itahava. Iryo sengesho ritangura kare kare mu gatondo mu gihugu ca Indoneziya kandi rikabandanya mu Bushinwa, Bangladeshi na Pakistani, rigashika muri Aziya yo hagati na Irani, rigaherukira mu bihugu vy’Abarabu n’ibihugu vy’abanyafrika, kuva hasi ku butaka; bakerekeza muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aho hose baba bariko barasenga Allah nk’imana yabo.

Iyo migenzo yo gusenga ibihetangabo bitanu ku musi, twibuke kw’atari ibisanzwe kuri twebwe Abakristo. Biradukwiye kwishira natwe mu maboko ya Yesu Kristo no kwisuzuma koko yuko turi kumwe nawe mu ntambara turwana n’umwansi canke ko twoba twibereye inyuma twivyinira nta kazoza nk’aho twiteze ubundi bubasha bw’intsinzi.

Ku mu Islamu yamaze kwiyemeza, natwe twohigira kwubaha no gutinya Imana, tukamenya kuyiha icubahiro cose kiyikwiye nk’ukw’ari Iyisumba vyose. Bizera ko basenga Imana y’ukuri, yamaze kwumva no kwakira amasengesho ya sekuruza wabo Ishimayeli (Itanguriro 21:17-21). Mur’ico gice, amasengesho ya Aburahamu (ari we bita umu Islamu wa mbere) canke Koruneliyo nawe nyene ashobora kuba ari we bafatirako nk’uko tubisoma (Ivyakozwe n’intumwa 10:1-48).

Islamu – ukugororoka kubw’ibikorwa

Ntidushatse gutera amashurwe canke gushira hejuru isengesho ry’imigenzo y’aba Islamu kukw’atari isengesho riba rivuye ku mutima vy’ukuri. Riba ari nk’umugenzo gusa nk’ukw’ivyagezwe vyabo biri. Uwo wese asenga mu buryo bwashinzwe nk’icagezwe kuri bo aba aronse ukurindwa na Allah kand’akaba azororanirwa muri vyose. Isengesho ryabo ni rimwe nk’ukw’icagezwe cabo kiri! Nta gukurako nta kwongerako! Ni ko vyanditswe! Uwo wese adasenga gutyo aba yikwegera kuzimira. Nk’ukw’ivyizerwa vya Islamu biri, isengesho ryose ni igikorwa ciza gihanagura ikindi kibi aba yakoze (Sura Hud 11:114).

Umuntu avugwa ko yoba yaregereye Muhamedi i Maka aramubaza nko kumushinyagurira ati: “Ko nacumuye, none nokora iki?” Muhamedi amwishura mu kumuhanura ati: “Senga ibihetangabo bitatu!” Wa muntu nawe aramwishura ati: “Muhamedi, Nasambanye!”, Muhamedi yongera kumusubiriramwo za mpanuro yamuha ubwa mbere ati: “Senga ibihetangabo bitatu!”, wa mugabo aratura kandi ati: “Mu vy’ukuri nasambanye!”. Muhamedi aramuremesha kandi ati: “Senga ibihetangabo bitatu, nah’izina ryawe ari Abu Dhal (izina rishaka gusa nirya se wa Muhamedi)”.

Kubw’ivyo, dukurikije uyu mugenzo, mu gusenga ibihetangabo bitatu nk’uko vyagenywe n’icagezwe, ushobora guhanagura icaha c’ubusambanyi wakoze kugira ng’uragwe ubwami bw’ijuru, canke ukaronka amanota yiyongera ku yo wari ufise nk’agahimbazamusyi. Muri Islamu, ukugororoka ni mu bikorwa vyiza. Ivyo na Korowani irabishimangira:

“Soma ibyo wahishuriwe biri muri [iki] gitabo [Kor’ani], unakore Swala ubuhozaho. Mu by’ukuri Swala [Swala ikozwe nk’uko bikwiriye] ibuzagukora [uyikora] ibizira n’ibiteye isoni. Rwose kwibuka Allah [Bikorwa muri Swala] ni ikintu gikomeye cyane [kiba gishobora kubuza umuntu kwishora mu bikora ibi]. Kandi Allah azi ibyo mukora byose.” (Sura al-‘Ankabut 29:45)

ااتْلُ مَا أُوحِيَ إِلَيْكَ مِنَ الْكِتَابِ وَأَقِمِ الصَّلاَةَ إِنَّ الصَّلاَةَ تَنْهَى عَنِ الْفَحْشَاءِ وَالْمُنْكَرِ وَلَذِكْرُ اللَّهِ أَكْبَرُ وَاللَّهُ يَعْلَمُ مَا تَصْنَعُونَ (سُورَةُ الْعَنْكَبُوتِ 29: 45)ا

Muri Korowani, dusoma incamake y’iki ciyumviro: “Abasubiramwo Igitabu ca Allah (Korowani) kandi ntibasibe gusenga, bagatanga ku vyo Twabahaye (Allah), mu mpisho no muri rusangi ikoraniro rikoranye, bizere neza ko bazoronka impera (ikiguzi cabanje guharirwako) itazobora. Allah azobaha impera babereye (muri Paradizo) kandi bazotungishwa umurengera mu Vyiwe (Allah). Agira imbabazi kandi ntagira iherezo mu gutanga umurengera mu vy’impera” (Sura Fatir 35:29-30).

1.04 -- Allah ni nde muri Islamu?

Allah – ntasanzwe!

Allah, nk’uko Korowani imuvuga, ni mushobora vyose yaremye vyose, umwami kandi akaba n’umucamanza ku vyaremwe vyiwe vyose, arikw’akaba n’uwushinga amategeko cank’ivyagezwe, akaba umugwizatunga ; kubw’ivy’akaba ari uwo aba Islamu nk’amamiriyaridi arenga 1,4 bategerezwa gusenga ibihetangabo bitanu ku musi.

Naho biri uko, iy’ubajije umu Islamu ati : “Woshobora kumbwira Allah uw’ari we mu vy’ukuri ?”, azokwishura amwenyura ati : “Allah ni mukuru !" bisobanurwa (Allahu akbar), iryo naryo rikaba ari incamake y’icizerwa ca Islamu. Iryo ryungane rituzuye neza risobanura ko Allah atari mukuru vyonyene, ahubwo ko hashobora kuba hari ikindi kintu gikuru cane kuruta Allah. Ikindi naco, si na mukuru vyonyene, ahubwo bisobanurwa kw’ashobora kuba afise ikindi caremwe bahiganirwa ubukuru. Oya, aratandukanye rwose, ni Imana itavogerwa, idapfa kwegerwa kandi idakorwako n’uw’ariwe wese. Hari abo irikure yabo. Ni Imana nkuru, Inyenkomezi, ni nziza cane, itunze vyose kandi ikamenya ubwenge bwose kuruta ivyo kw’isi vyose twomenya. Gutahura neza ivya AlIah, ntivyoroshe kuk’usanga adatomoye kandi ntabaho. Uwo yamyeho muri Islamu ntashobora gutahurwa canke ngw’amenyekane. Ahubwo, aratubona akatumenya twebwe mbere na mbere ya vyose. Allah si imana muntu kand’akunda uw’ashatse, akarongora neza uw’ashaka (Suras al-An’am 6:39; al-Ra’d 13:27; Ibrahim 14:4; al-Nahl 16:93; Fatir 35:8; al-Muddaththir 74:31). Arengeye ukw’abantu bamwiyumvira, ibigumbagumba kandi akama atunganye muri vyose akora.

Islamu kuri bose

Hafi aba Islamu bose ntibanezererwa n’iyo Mana itabaho abashinzwe iyobokamana bama barakwiragiza hirya no hino. Barashaka vy’ukuri kumenya uyo Allah uw’ariwe n’ivy’akora. Mu vy’akaranga bigera ku 500 hamwe n’ivy’icubahiro vyose vya Allah, ari navyo dusanga muri Korowani, bahisemwo 99 biboneka kw’ari vyiza gusa. Mu rutonde rukurikira tugerageze kuraba amazina ya Allah, aboneka kenshi mu gitabu ca Korowani.

Amazina n’uburanga vya Allah

"Amazina ya Allah" Aboneka kangahe muri Korowani?
Allah Allah 2673
al-Rahman Umunyempuhwe 170
al-Rahim Umunyarukundo 228
al-Alim Uwumenya vyose 158
al-Hakim Ni we Umunyabwenge wenyene 95
al-Ghafur Umunyembabazi 91
al-’Aziz Umunyabushobozi 88
al-Sami’a Uwuteze ugutwi muri vyose 46
al-Khabir Mutananirwa 45
al-Qadir Mushobora vyose 45
al-Basir Abona vyose 44
al-Waliy Aganza vyose 31
al-Shahid Ashinga intahe 21
al-Waliyy Uwo kwizerwa 21
al-Wahid Ni we wenyene, nta wundi 21
al-Ghaniyy Umutunzi 18
al-Hamid Uwikorera imitwaro 17
al-Wakil Umukozi 13
al-Mu’id Asubizaho vyose 12
al-Halim Umunyabuntu 12
al-Qawiyy Umunyabushobozi 11

Amazina mirongwibiri n’ivyubahiro vyose nk’uko bitondekanije aho hejuru bigize ibice 84 kw’ijana vy’amazina n’uburanga bwa Allah nk’uko biri muri Korowani kandi bikaba nk’uk’umu Islamu atahura Allah uw’ari we. Iy’umu Islamu ariko arasubiramwo amasengesho yiwe nk’uko urutonde rwateganijwe ruri, akora ku mabuye 33 nyene agereranywa n’amazina 33 ya Allah ibihetangabo bitatu, akaba yizera kw’aba agerageje gusubiriza ivyo yari yononye mu gukora ivyaha nk’uko vyanditswe mu gitabu ca Allah.

Al-Ghazali, umwe mu bigisha bakomeye b’iyobokamana rya Islamu, yagerageje gusobanura no kugereranya ayo mazina 99 n’uburanga bwa Allah arikw’agenda abivangavanga nk’uko nayo nyene agenda asubiranamwo. Nawe nyene ubwiwe aremera ko menshi muri ayo ashobora kuvuguruzanya. Ni ho yaciye atanga umugambi kur’ico cigwa avuga ati: “Allah ni vyose kandi ntaco ari co! Ntitwomumenya mu bwenge bwacu! Ico dukora ni ukumusenga gusa!”

Mu ncamake y’amazina ya Allah, dusanga muri Sura al-Haschr 59:22-24: 22 We ni Allah, La ilaha illa Huwa [Ntayindi mana ikwiriye kugaragirwa mu kuri uretse We]. Umumenyi wa Ghayibu [ibitazwi, ibitagaragara, n’ibihishwe, amenya ibyo abantu bafata nk’amabanga bahisha mu mitima yabo], akamenya n’ibigaragara [akamenya n’ibyo abantu bakorera mu rwihisho no kumugaragaro]. We ni AL-Rahimaan [Nyirimbabazi], AL-Rahim [Nyirubuntu bwose]. 23 AL-Malik [Umwami ukomeye], AL-Qudus [Nyirubutungane], AL-Salaam [Isoko y’amahoro], AL-Mu-min [Nyirukwemera ku kuri ukomokwaho n’idini ry’ukuri kwa Islamu], AL-Muhaymin [Umugenga ugenza akanagenga ibintu byose mu buryo butunganye], AL-Aziz [Uganza akanagira ububasha bwose], AL-Jabbar [Igihangange], AL-Mutakbber [Uwikuza]. Ubutungane ni ubwa Allah ari kure y’ibyo bamubangikanya nabyo. 24 AL-Khalik [Umuremyi w’ijuru n’isi n’ibindi byaremwe byose], Al-Baariu [Umuhanzi], Al-Musawir [Uha buri ikintu ishusho yacyo yihariye]. Ufite wenyine amazina arusha ayandi yose yabayeho, ariho ubu azanabaho ibihe bizaza kuba meza. Ibiri mu majuru byose, ibyo mu kirere byose, no ku isi byose bihora bihimbaza izina Rye, kandi bimuha ikuzo n’icybahiro. Ni We AL-Aziz [Uganza akanagira ububasha bwose], AL-Hakim [Isoko y’ubuhanga n’ubwenge].

ا22 هُوَ اللَّهُ الَّذِي لاَ إِلَهَ إِلاَّ هُوَ عَالِمُ الْغَيْبِ وَالشَّهَادَةِ هُوَ الرَّحْمَانُ الرَّحِيمُ 23 هُوَ اللَّهُ الَّذِي لاَ إِلَهَ إِلاَّ هُوَ الْمَلِكُ الْقُدُّوسُ السَّلاَمُ الْمُؤْمِنُ الْمُهَيْمِنُ الْعَزِيزُ الْجَبَّارُ الْمُتَكَبِّرُ سُبْحَانَ اللَّهِ عَمَّا يُشْرِكُونَ 24 هُوَ اللَّهُ الْخَالِقُ الْبَارِئُ الْمُصَوِّرُ لَهُ الأَسْمَاءُ الْحُسْنَى يُسَبِّحُ لَهُ مَا فِي السَّمَاوَاتِ وَالأَرْضِ وَهُوَ الْعَزِيزُ الْحَكِيمُ. (سُورَةُ الْحَشْرِ 59: 22-24)ا

Ubumwe bwa Allah

Muhamedi yabandanije avuga ku vyerekeye Allah kandi anashingira intahe ku Bayuda n’Abakristo mu myaka myinshi, igihe Islamu itari bwakomere i Maka ati:

“… Twemeye ibyaduhishuriwe ari nabyo byabahishuriwe ko Imana yacu, ari nayo Mana yanyu ari imwe, kandi akaba ariyo twese [nk’Abayisilamu] dutegekwa gucira bugufi. …” (Sura al-‘Ankabut 29:46)

ا... آمَنَّا بِالَّذِي أُنْزِلَ إِلَيْنَا وَأُنْزِلَ إِلَيْكُمْ وَإِلَهُنَا وَإِلَهُكُمْ وَاحِدٌ ... (سُورَةُ الْعَنْكَبُوتِ 29: 46)ا

Imirongo nk’iyo yo kwiyorohereza iraboneka kenshi muri Korowani. Iyo mirongo gushika uyu musi aba Islamu babana n’Abakristo nk’inkehwa bagerageza kuyifata ku mutwe kugira ngo birenganure no kwisigura.

Aho bitumvikanira, n’uko Muhamedi yabivuguruje ari i Medina haciye imyaka icumi agasibanganya ya mirongo yose no gushiraho iyiyisubirira muri Korowani, naho nyene biboneka ko kw’ari ukwiyorohereza:

“Nimurwanye abatemera Allah ndetse n’abatemera iby’ubuzima bubaho nyuma y’ubu bw’isi, batanaziririza ibyo Allah n’Intumwa Ye baziririje, ntibanemere Idini ry’ukuri [ariryo Isilamu], bo muri ba Ahl AL-Kitab [Abayahudi n’Abakrisito]; [barwanye] kugeza ubwo bazemera gutanga umusoro ku bushake bwabo nk’ikimenyetso cy’uko bubaha [ubutegetsi bwa Kisilamu] kandi baciriye bugufi [amategeko ashyirwaho n’ubwo butegetsi].” (Sura al-Tauba 9:29)

اقَاتِلُوا الَّذِينَ لاَ يُؤْمِنُونَ بِاللَّهِ وَلاَ بِالْيَوْمِ الآخِرِ وَلاَ يُحَرِّمُونَ مَا حَرَّمَ اللَّهُ وَرَسُولُهُ وَلاَ يَدِينُونَ دِينَ الْحَقِّ مِنَ الَّذِينَ أُوتُوا الْكِتَابَ حَتَّى يُعْطُوا الْجِزْيَةَ عَنْ يَدٍ وَهُمْ صَاغِرُونَ (سُورَةُ التَّوْبَةِ 9: 29)ا

Igihe Muhamedi n’abamukurikiye bari bafashe igice kinini c’i Medina, biboneka kw’atari agifise ikinya co kworosha ibintu nk’ubwa mbere. Kuva ico gihe, Islamu yaciye ihinduka idini rimwe ryonyene ritunganye imbere ya Allah (Suras Al ‘Imran 3:19; al-Baquara 2:193; al-Saff 61,9 n’iyindi mirongo).

Kwizera Allah, imana imwe kand’ari imwe yonyene, ni wo mushinge w’ukwizera kwa islamu kand'uw'ariwe wese ategerezwa kuvyatura nk'umu Islamu: “Nta yindi Mana iriho atari Allah!" Uwo wese yizera izindi mana atari Allah akazisenga aba arogose kand’aba akoze icaha kitababarirwa, nk’uko Islamu ibibona.

1.05 -- Uwo Allah adashobora kuba muri Korowani

Allah – Nta Butatu bweranda

Uwo wese amenya neza kw’ari umu Islamu amenya ko Korowani itemera na gato Ubutatu Bweranda. Impamvu ni uko mu gihe ca Muhamedi, mu karere nyene yakuriyemwo, hari akagwi k’Abakristo badutse bigisha Ubutatu Bweranda bwa Data, Umwana na Mariya, bivuga Allah, Mariya na Yesu (Sura al-Ma’ida 5:116)! Ubwo burogosi rero ntibwemerwa n’ishengero na rimwe. Arikw’aba Islamu benshi baracizera n’uyu musi kw’Abakristo bemeza ko Allah yaryamanye na Mariya akamuvyarako Yesu. Ukurogota nk’uko, kubera ukudatahura neza, kwatumye Ubutatu Bweranda bw’Imana bwankwa urunuka mu burere bwose burimwo idini rya Islamu. Vyongeye, iyo nyifato yashigikiwe n’iyi mvugo ngo:

“Ntimukavuge ngo [Allah agizwe n’] ubutatu [butagatifu]; rwose [iyo myemerere] muyireke burundu ni byo bizababera byiza. Mu by’ukuri Allah ni Imana imwe rukumbi. Allah aratunganye cyane ku buryo ataba ku rwego rwo kugira umwana [nk’abantu]!” (Sura al-Nisa’ 4:171b).

اوَلاَ تَقُولُوا ثَلاَثَةٌ انْتَهُوا خَيْراً لَكُمْ إِنَّمَا اللَّهُ إِلَهٌ وَاحِدٌ سُبْحَانَهُ أَنْ يَكُونَ لَهُ وَلَ (سُورَةُ النِّسَاءِ 4: 171 ب)ا

Uwo wese yizera Ubutatu Bweranda yaramaze gutsindwa n’urubanza kubwa Korowani:

“Rwose barahakanye abavuze bati: ‘Allah ni umwe mu bagize ubutatu [butagatifu], mugihe nta yindi mana ibaho uretse Imana imwe [rukumbi]. Nibatarekeraho kuvuga ibyo bavuga [birimo gusebya Allah], rwose abahakanye babarimo bazagerwaho n’ibihano bibabaza.” (Sura al-Ma'ida 5:73)

الَقَدْ كَفَرَ الَّذِينَ قَالُوا إِنَّ اللَّهَ ثَالِثُ ثَلاَثَةٍ وَمَا مِنْ إِلَهٍ إِلاَّ إِلَهٌ وَاحِدٌ وَإِنْ لَمْ يَنْتَهُوا عَمَّا يَقُولُونَ لَيَمَسَّنَّ الَّذِينَ كَفَرُوا مِنْهُمْ عَذَابٌ أَلِيمٌ (سُورَةُ الْمَائِدَةِ 5: 73)ا

Bakurikije akaranga kabo n’ivyabo ubiravye neza uru ruvyaro rw’ibivange (Abayuda n’aba Islamu) ntibari bakwiye kwiyumvira kw’Imana ari imwe gusa. Ntibari bakwiye kwemera kw’idini rukristo rifise ukwizera kumwe nah’abanyaburayi babandanya bishiramwo ivyo "amadini atatu gusa asenga Imana imwe".

Allah – Nta Data

Kubw’izo mpamvu zose, aba Islamu bafata kw’ari ukurogota iyo tuvuze Imana Data canke Data wa Yesu Kristo. Kubw’ivyo kandi, bituma bobo batagirirwa bwa buntu bwo guhishurirwa Yesu Kristo nk’ukw’ari nawe yatwigishije gusenga ngo: “Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe ni ryubahwe!” Mu Butumwa Bwiza bwose uko bwanditswe ari bune, Yesu avugamwo Data ibihetangabo 200, akamuvugamwo ibihetangabo 99 gusa nk’Imana. Kristo yaduhishuriye ukwegerana n’Imana yacu idukunda nk’abana bayo ku buryo bitadutera isoni kumwita Data”.

Gutahura Imana nk’uku nk’uko vyanditswe mw’Isezerano Rishasha, ni nayo nyishu ibereye rwose nk’umwigishwa wa Yesu ku bayoboke ba Allah bakurikiye ivya Islamu bakazimira. Abakristo bafise ic’aba Islamu batagira. Dufitanye ubumwe bukomeye n’Imana. Biciye muri “telephone”, nabo bashobora kwinjira muri wa muhora w’itumatumanako bagafatana n’Imana Mushobora vyose kuko nabo bakwiye ko yoba Se kubw’impongano y’Umwana wayo Yesu Kristo. Data, ari nawe Se wabo arabazi, arabakunda kand’abitayeho, atarabiye iyo bari n’uko bari. Aba Islamu ntibafitanye imigenderanire na Allah wabo. Na Korowani ntibemerera uburenganzira na bumwe bwo kwitwa abana b’Imana. Ngo bajakariye kwama basenga Umwami w’ikirere.

Kutemerera Abakristo kwiyita abana b’Imana ngo ntibisubirwaho ku buryo na Muhamedi yabivuze muri Korowani ati:

“Abayahudi n’Abakrisito baravuga bati: Twe turi abana ba Allah akunda cyane. [Yewe ntumwa y’Imana we! Babwire uti: niba ariko bimeze ni kuki abahanira ibyaha byanyu? Ahubwo mwe muri abantu kimwe nk’abandi bantu [bose] yaremye. Ahanaguraho ibyaha uwo ashaka [igihe yicujije akanihana], akanahana uwo ashatse wese [igihe aticujije ngo anihane]. Ubwami bw’amajuru n’isi n’ibiri hagati yabwo byombi byose ni ibya Allah kandi kuri We niho bizasubira [nyuma y’ibihe].” (Sura al-Ma’ida 5:18)

اوَقَالَتِ الْيَهُودُ وَالنَّصَارَى نَحْنُ أَبْنَاءُ اللَّهِ وَأَحِبَّاؤُهُ قُلْ فَلِمَ يُعَذِّبُكُمْ بِذُنُوبِكُمْ بَلْ أَنْتُمْ بَشَرٌ مِمَّنْ خَلَقَ يَغْفِرُ لِمَنْ يَشَاءُ وَيُعَذِّبُ مَنْ يَشَاءُ وَلِلَّهِ مُلْكُ السَّمَاوَاتِ وَالأَرْضِ وَمَا بَيْنَهُمَا وَإِلَيْهِ الْمَصِي (سُورَةُ الْمَائِدَةِ 5: 18)ا

Kutemera kwitwa umwana w’Imana ku mwana w’umuntu vyerekana kw’Abayuda b’i Medina bari barasobanuriye Muhamedi yuko Umwami Imana yabatoranije nk’abantu bayo kugira ngo bayibere amashami nk’uko biri muri (Gusubira mu Vyagezwe 32:6; Yesaya 63:16; Yeremiya 3:4,19; 31:9;). “Uhoraho, ni wewe Data; Umucunguzi wacu ni ryo zina ryawe uhereye kera hose.” (Yesaya 63:16b) Ubwo burenganzira, iryo bakwe ridasanzwe ryo mw’Isezerano rya Kera ryahawe nk’isezerano uw’ariwe wese yemeye kuvuka ubwa kabiri agahinduka umwigishwa wa Yesu Kristo (Abaroma 8:14-16).

Allah – Nta Mwana

Korowani itegeka kw’aba Islamu bose bizera ‘Isa, umwana wa Mariya kandi nk’intumwa ya Allah, kimwe n’uko bemera abavugishwa bose. Ibi bikavuga kw’aba Islamu bose bizera Kristo. Ariko ikibazo ni kimwe gusa: Kristo aboneka gute canke nka nde muri Korowani?

Korowani ikunze kuvuga kenshi ko Kristo yavyawe n’isugi Mariya kandi kw’ata citwa umugabo yamukozeko. Umwana wiwe nawe ngo yaremwe mw’ijambo ry’Imana na mpwemu wayo muri we. Bivugwa kw’ari ko yishuye Djibril (Gaburiyeli):

“‘[Mariyamu] aravuga ati: Yewe Allah Umugenga wanjye we! Ni gute bizashoboka ko mbyara umwana kandi ntarahura n’umugabo? Aravuga ati: Uko niko bimeze, Allah arema icyo ashatse. Iyo ashaka gukora ikintu, arategeka ati: Baho! Ubwo kikabaho. (Suras Maryam 19:20; Al ‘Imran 3:47)

ا قَالَتْ أَنَّى يَكُونُ لِي غُلاَمٌ وَلَمْ يَمْسَسْنِي بَشَرٌ وَلَمْ أَكُ بَغِيّاً (سُورَةُ مَرْيَمَ 19: 20)ا

Muhamedi avuga Kristo ukw’avyumva: “[Nuko anatanga urugero kuri] Mariyamu [Mariya] wari umukobwa wa Imrani, warinze ubusugi bye, nuko dukoresha [Malayika waCu] kumuhumekeramo umwuka waCu [ngo agire ubuziranenge] n’izindi ngabire ku rwego rwo hejuru rurenze uko yari asanzwe]. Maze ubwo yemera amagambo ya Allah Umugenga we n’ibitabo bye. Kandi yari umwe mu bubahaga [Allah] cyane. (Suras al-Anbiya’ 21:92; al-Tahrim 66:12)

اوَالَّتِي أَحْصَنَتْ فَرْجَهَا فَنَفَخْنَا فِيهَا مِنْ رُوحِنَا وَجَعَلْنَاهَا وَابْنَهَا آيَةً لِلْعَالَمِينَ (سُورَةُ الأَنْبِيَاءِ 21: 92)ا

Ufatiye kur’ibi, aba Islamu bizera ko Kristo yavyawe n’umugore w’isugi Mariya. Ariko ntibigera bizera k’umwana wa Mariya yari n’umwana w’Imana kuko yaremwe mu nda ya nyina na Allah arikw’atavyawe. Kubw’ivyo vyizerwa vya Islamu, Korowani ikaba inyuranije rwose n’ukwatura kwa ndemeye y’i Nicene, ah’Abakristo bose bo mu mashengero batura bavuga ko Yesu Kristo ari: “Imana nya Mana, umuco w’umuco, Imana y’ukuri, yavyawe, arikw’ataremwe, asangiye akaranga n’akamere na Data".

Abayoboke ba Muhamedi bahakanye ubumana bwa Yesu mu buryo ubwo aribwo bwose, ariko barizera ubudasa bw’ibitangaza vyo gukiza ingwara, nimiburiburi ko yazuye abantu batatu akoresheje ijambo ryiwe n’ivyo mu mategeko ya Mose biciye mu Mwana wa mariya (Sura Al ‘Imran 3:49b-50). Barasoma ibijanye no kugaburira abigishwa mu bugaragwa ku mutsima wo mw’ijuru (Sura al-Ma’ida 5:112-115) kandi banashingira intahe ubwenge no guca bugufi kwiwe kwaranga abigishwa biwe (Sura al-Hadid 57:27a).

Ikindi naco, Aba Islamu bizera rwose ukuduga kwiwe mw’ijuru mu mubiri no kuba yicaye mu bwiza bwa Allah. Arikw’ikibabaje ni uko bahakana burundu ivy’uko yabambwe. Kubw’ukwo guhakana kungana gutyo, wa mumiriyaridi urenga 1,4 w’Aba Islamu bakaba bari kure rwose y’agakiza kuko banse, mu gushaka kwabo canke batanabishaka kubabarirwa ivyaha vyabo Kristo yatangiye impongano igihe yapfira ku musaraba. Bizera kwitunganiriza ukugororoka kwabo batarinze kwikorera umusaraba wa Kristo.

Allah – Si Mpwemu Yera

Islamu ntihakana vyonyene ubumana bwa Kristo, ariko baranahakana bakarengwa Mpwemu Yera. Igice c’igitabu cabo conyene kirimwo inyandiko z’i Medina Suras no mu nyandiko z’ivy’imigenzo yabo vyanditswe mu nyuma ni co cemeza ko “Mpwemu wa Allah” yitwa Djibril (Gaburiyeli). Mpwemu wa Allah avugwa ibihetangabo 29 muri Korowani, ariko bakamuhakana bavuga ko yaremwe kimwe n’abamarayika cank’abadayimoni. Akorera mu bubasha bwa Allah (Sura Bani Isra’il 17:85). Si Imana nk’ukw’Isezerano Risha ribivuga. Allah ni umwe! Nta mpwemu wa Allah abaho yigenga i ruhande rw’Imana.

Kubw’iyo mpamvu, nta karanga k’Imana kabaho nka Data n’Umwana muri Islamu, kukw’ari Mpwemu Yera abihishurira umwana w’umuntu (Abaroma 8:15-16; 1 ab’I Korinto 12:3). Kubw’ivyo kandi bigatuma ata vyamwa vya Mpwemu Yera muri Islamu nk’uko tubisoma (ab’I Galatiya 5:22-25), uretse ibikorwa vyiza vy’umubiri (ab’I Galatiya 5.19-21). Kutiyanduza bisanzwe n’imigenzo ya buri musi mu vy’idini ntaco bitanga na gato kugira ngo Mpwemu wa Kristo akubemwo no kugira ng’uragwe ubugingo budashira (ab’I Kolosayi 1:27b). Naho abantu bose bazongera kuremwa ukundi gusha inyuma y’urupfu kuri wa musi w’amateka, nta kugirwa basha kundi muri ubu bugingo no muhe kizoza. Ivyo bibazo vyose bizorenkera inyishu “niba bishoboka”, canke “Allah niyabigomba”.

Ibi bica bigaragara k’umunyeshure wese akurikira iyobokamana rya Islamu ko Allah atari kandi atazigera aba Data, Umwana na Mpwemu Yera. Allah nta Butatu bweranda agira. Ni mpwemu ku buryo atandukanye n’Imana yo muri Bibiliya. Uwuvuga wese canke yatura Imana nka Data wa Yesu Kristo, akaba Imana imwe kandi ko Allah ari mu bumuntu ntaba abona kure, ntaco yiyumvira kandi akaba yirengagiza ico Korowani ivuga mu vy’ukuri hamwe n’ivyo Muhamedi we nyene yiyandikiye ku vy’imigenzo. Umu Islamu wese yiyemeje Islamu ategerezwa guhakana yivuye inyuma umushinge wose w’Ubutumwa bwiza: “Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw’isi, ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’umwizera wese ntaze apfe rubi, arikw’ahabwe ubugingo budashira.” (Yohana 3:16)

Ni Gute urukundo rw’Imana rutandukanye n’impuhwe za Allah?

Izina Imana rigaragara kenshi muri Korowani uretse irikunze gukoreshwa cane ‘Allah’ nk’icubahiro ni: “Umunyempuhwe nyinshi” (“al-Rahman al-Rahim”). Ico bita umurongo cose uretse hamwe gusa “Sura” gitanguzwa n’iryo zina. Iyo ibikoko vyicwa nk’ukw’umugenzo wa Islamu uri, hari amajambo abanza kukivugirwako nko gutongera. Izindi nyama zose zitateguwe nk’uko ntizitunganye namba. Ibanga ry’ivyizigiro ku ba Islamu riri kw’izina rya Allah. Bikaba bivuga kur’ubwo bwoko ko Mushobora vyose agirira impuhwe umu Islamu wese ari mu vyago cank’uwo mu muryango wiwe wese. Arunama akabatega amatwi mu kubumviriza iyo bamwiyambaje mu kumuhamagara (al-Du’a) kandi “kumbure” akabafasha. Arikw’abandanya ari mukuru, ari kure yabo. Ni Allah ategerwa. Bose baramutinya kandi bakamusenga mu cubahiro cose.

Bibiliya ariko, yoyo ikatwigisha ko: “Imana ni urukundo, kand’uguma mu rukundo aguma mu Mana.” (1 Yohana 4:16) Urwo rukundo rw’Imana (Agape) yarugaragarije mu kwihindura umuntu ari we Kristo Yesu, yabanye natwe, yikorera ivyaha vyacu kandi yemera kudupfira ku musaraba. Muri kwa kugororoka kwiwe, ntiyatubaye kure, ariko yaremeye asiga ubwiza bwiwe bwose, aba nkatwe twese, abana natwe kandi yemera kutubambirwa kugira ngo tubone gutsindanishirizwa. Urukundo si urwo gufasha gusa iyo bikenewe ariko rusaba no kwitanga wese no mu bidakenewe.

Kumbure twotanga inyigisho ngereranyo kugira ngo dutahure neza itandukaniro riri hagati ya Allah umunyempuhwe n’uko twebwe Abakristo dutahura neza urukundo rw’Imana yacu: Dufate kw’umugabo yobwira uwo yateganije ko bazubakana mu gihe kizoza, (uwo yakoye) ati: “Ngufitiye impuhwe kandi nzokwubakana nawe,” mbega uwo mwigeme yomwishura iki? Yomuhunga nk’uko muvyibaza! Arikw’amubwiye ati: “Ndagukunda kandi kubw’ivyo nipfuza ko tuzubakana”. Aho ni ho niyumvira ko bashobora guca bemeranya kuzubaka urwabo. Allah yama kure cane nk’Imana idashobora gushikirwa, ariko twebwe Abakristo, Imana yacu iramanuka ikadushikako aho turi hose, ikatwitangira nk’ikimazi, ikabana natwe kandi ikaduhindura muri rwa rukundo rwayo nta ngere.

Ibi vyose ni ivyo kwiyumvirako cane: Niba Allah adashobora kutubera Data, Umwana canke Mpwemu Yera kandi ntabe urukundo, none ni nde mu vy’ukuri? Hoba hariho iyindi Mana itari bwa Butatu Bweranda?

Ukuri kwa Allah muri Islamu

Twiyambure vya vyiyumviro bitagira urufatiro vyo kwiyorohereza no kwibesha vy’umuntu mu vy’impwemu mu vya ya madini yose ukw’ari atatu ataho ahagaze ngw’aturuka kuri sogokuruza Aburahamu ngo ni uko bizera Imana imwe.

Allah – Afise impwemu ihakana-Bibiliya?!

Kuva ku mirongwitanu gushika ku mirongwitandatu kw’ijana ya Korowani vyavomwe mw’Isezerano rya Kera. Ariko uko Korowani ibisigura si kimwe. Muhamedi ntiyashobora gusoma Isezerano rya Kera kandi rikaba ritari bwanahindurwe mu Carabu mu gihe ciwe. Kubw’ivyo, dusanga ivyagiye vyandikwa bidondaguwe n’abandi bantu gusa ku munwa nk’inkuru z’ivyabaye; tukabisoma muri Mishna, igitabu citwa Talmud hamwe n’ibindi bitabu vyanditswe n’Abayuda ariko mu carabu no mu buryo bwa Islamu. Hafi ibice bitanu gushika ku ndwi kw’ijana vyavuye mw’Isezerano Rishasha; kandi naryo nyene nti ryari bwaboneke mu rurimi rw’icarabu. Iyo ni nayo mpamvu usanga muri Korowani ibintu vyinshi vy’inyandiko za ca gihe c’agacerere, ata n’ubuvugishwa bwari bukiboneka, Yesu ataravuka. Aho hose vyinshi Korowani yagiye ibihindagura kugira ngo yishiriremwo ivyo kwiyorohereza n’ivyojana na Islamu.

Guhindura izo nyandiko zaturutse mw’idondagurwa ku munwa gusa nk’imigani cank’ibitito mu rurimi rw’icarabu mu bwoko bw’aba Quraish vyashitsweko neza na neza kandi binonosorwa na Muhamedi. Ikibazo cahabaye nyamukuru, ni uko mu kubihindura yakoze amakosa menshi. Ariko ntiyashaka kwemera kw’Abayuda cank’Abakristo b’ico gihe ciwe bomukosora ngo bahave bagisha impaka kw’iyerekwa ryiwe nkuko yavyivugira. Ahubwo yiteguriye ubutumwa bwiwe nk’ah’ari ukuri kwaturutse mw’iyerekwa nk’ah’ari ivyahumetswe. Ivyo vyose bitajanye canke bidashigikira Korowani y’icarabu muri Bibiliya avuga kw’ari ububeshi canke urwiganwe rwa Korowani yiwe. Arikw’igitangaje, ni ukw’inyandiko cank’ibitabu vy’imbere yiwe vyaturutsemwo ivyanditswe vyera kandi yakuyemwo ari vyo vyahumetswe n’Imana. Abenshi mu ba Islamu bemeza kw’Abayuda bagiye bahindagura babishaka ibitabu bigize Torati kugira ngo bazimize Muhamedi kandi kw’Abakristo bakuye izina rya Muhamedi mu bitabu vy’Ubutumwa Bwiza babishaka. Iyo ni yo mpamvu benshi mu ba Islamu batemeranya n’ukuri kwa Bibiliya nk’uko Korowani yabo ibabesha, nk’ukw’idini rya Islamu ritababwira ukuri kwose.

Ukwo kwikeka ni kwo gutuma aba Islamu bategerezwa gusubiramwo ivyanditswe vyabo ukw’ari indwi muri Korowani kandi bigasobanurwa mu buryo butandukanye nk’uko navyo bitandukanye. Ibitabu vya kera vya Korowani mu nyandiko bitandukanye n’ivy’iki gihe mu nyuguti z’indadi cank’izivuga kandi mu kubisoma biratandukanye mu buryo butatu nk’uko vyemezwa na Muftis. Ikindi, imirongo 240 ya Korowani yarasubirijwe n’ayandi mayerekwa aturutse kuri Allah. Imirongo ya kera na misha ariko yose ikaba inganya uburemere gushika n’uyu musi, nah’iya kera isa n’iyitagifise agaciro. Abatabimenyereye neza bashobora kuzimirira aho nyene kukw’iyo mirongo usanga isubiranamwo cank’ikavuguruzanya.

Mbega aba Islamu bemererwa kubesha?

Nta mpwemu y’ukuri iba muri Islamu mu vy’ukuri nk’ukw’Isezerano Risha ryacu ari ukuri gusa. Naho Allah yitwa “Ukuri n’Umugororotsi” (al-Haqq) dusanga kenshi muri Korowani, yuko Allah kw’ari Umunyabugunge kuruta bose (khair al-maakireen, Suras Al ‘Imran 3:54; al-Anfal 8:30) kandi ari umubeshi kur’uwo wese nawe amubesha (Sura al-Nisa’ 4:142)! Bisanzwe rero kw’intumbero yo gusenga ari ubugunge no kubesha, mbega abigishwa bobo bizogenda gute? Ikindi naco, Korowani ivuga ko Allah yategetse Muhamedi n’abamukurikira bose kwihakana indahiro zabo bakazihonyanga iyo bibaye ngombwa (qad farada allah lakum tahillat aimanikum; Sura al-Tahrim 66:2). Ibi rero bigasobanurwa ko n’indahiro itagiramwo ukuri namba.

Amakuru y’ivya kera nk’imico avuga kuri Muhamedi yuko umu Islamu afise uburenganzira bwose bwo kubesha ku mvo zine! Kubw’ivyo, ububeshi n’uguhindagura ibintu mu kubesha vyemewe mu vyo bita Intambara Nyeranda; mu gihe hakwiye kwuzuriza aba Islamu babiri bafitaniye amatati; hagati y’umugabo n’umugore wiwe bafitaniye ibibazo cank’umugore yagiraniye ikibazo n’umugabo wiwe (Thirmidhi, birr 26; Musnad Ahmad b. Hanbal 6: 459,461). Iyo ngingo ngenderwako mu ndero ishira hasi ubwizigirwa mu kuri kwose no kutizerana mu ncuti zacu. Ibitabu vya Korowani n’ivy’imigenzo biriho ubu bihonyanga imirongo nk’iyo mu kuyirengagiza ariko ivyigwa bihagije vyakozwe kuri Korowani vyerekana neza kw’ariko vyanditswe naho aba Islamu ubabajije babihakana.

Abakristo bipfuza kuganira ivy’ukwizera n’aba Islamu bakwiye kwitegura bihagije hakiri kare kugira ngo ntibagwe mu mutego w’ivyo abo bizera. Muhamedi kenshi yasubiyemwo atsindagira ko mu “Ntambara y’ubugunge n’ububeshi”, Shari’a ifata yukw’abatari mw’idini ya Islamu bose ari abansi babo kandi k’uburyo bwose bubaho bukwiye gukoreshwa nko kubabesha n’ubugunge kugira ngo bagerageze kubiyegereza. Ivyo ni nk’uburyo bwo kwikingira kuri bo.

Mu gihe vyanse canke ibintu bigeze kure, umu Islamu aba mu bihugu aba Islamu ari inkehwa, bashobora kwiyitirira Abakristo, Abahindu cank’abizera kw’ata mana iriho kugira bikingire ikibi cose cobashikira, ariko ku mutima akagumana ukwizera kwiwe muri Islamu. Biramutse bishitse ko yihakana ivyizerwa vyiwe, uburake bwa Allah n’ibihano bikomeye bizomurandura (Sura al-Nahl 16:106). Uku ni ko tutokwemeza kw’aba Islamu bose atari ababeshi cank’abuzuye ubugunge. Muri bo harimwo abanyakaranga b’abizigirwa kandi bavugisha ukuri. Ikibazo ariko ni uko ububeshi mw’idini ryabo bwashinze imizi bigatuma benshi muri bo mu bihe bimwe bimwe bisanga bategerezwa kubesha, bakava mu bwizigirwa no mu kuri.

Allah – afise impwemu ya Antikristo?!

Kuba Islamu itemera namba ubumana bwa Kristo kandi na Korowani ikabandanya imuhakana nk’Umwami n’Umwana w’Imana bituma umusomyi w’Isezerano Risha afata Allah nk’uwuzuye impwemu ya antikristo. Amajambo y’intumwa yashoboye gushingira intahe urukundo rw’Imana kand’aduha umuco wose mu vy’ugushishoza ivyo Mpwemu avuga atya:

Umubeshi ni nde, atar’uhakana ko Yesu ari Kristo? Ni we Antikristo, ahakana Data wa twese n’Umwana. Umuntu wese ahakana Umwana, na Data wa twese ntamufise: Uwemera Umwana, afise na Data wa twese.

Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: kukw’abigira abavugishwa n’Imana benshi badutse mw’isi. Iki abe ari co kibamenyesha Mpwemu w’Imana:

Impwemu yose yatura Yesu Kristo ko yaje afise umubiri, iba yavuye ku Mana, kand’impwemu yose itatura Yesu irtyo ntiba yavuye ku Mana; kand’iyo mpwemu iba ari iya Antikristo, iyo mwumvise kw’izoza, kandi n’ubu iramaze gushika mw’isi (1 Yohana 2:22-23 na 4:1-3).

Biradukwiye kwiga neza no kwiyumvira cane kur’ayo majambo kandi tukemera kwigishwa n’iyo ntumwa ku vy’urukundo rw’Imana, akatwigisha mu kuri, mbere tukanigiraho vyinshi ku vya Islamu. Ntibishoboka kw’Imana Data wa Yesu Kristo yotuma umumarayika Gaburiyeli kuri Muhamedi i Maka kugira ngw’amubwire ivy’akwiye kwandika ibihetangabo cumi n’indwi vyose kw’Imana ata mwana igira; kand’uwo Gaburiyeli nyene ari we yatumwe kuri Mariya i Nazareti imyaka amajana atandutu imbere yuk’iryo yerekwa rya Muhamedi riba, yukw’umwana yari agiye kuzovyara mu bushobozi bwa Mpwemu Yera, akazitwa “Umwana w’Uwera cane”, kandi “Umwana w’Imana” (Yesaya 9:6; Luka 1:32,35).

Amayerekwa Muhamedi avuga ko yaronse ntiyavuye ku Mana namba kuko “Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw’isi” (2 ab’I Korinto 5:19). None vyoshoboka gute ko Muhamedi yokwemeza yuk’umumarayika Gaburiyeli yamwigishije hanyuma agahakana ko Yesu atigeze abambwa? (Sura al-Nisa’ 4:157).

Ivy’impwemu biretwemeza nk’Abakristo twese kw’aba Islamu bari mu buja bw’ubugurano kandi bakaba ata vyo barakamenya gushika uyu musi, abandi nabo bakaba barakomantaje imitima yabo mu kutakira Yesu n’Ubutumwa bwiwe Bwiza.

Iy’umu Islamu ashatse kwiyonjora no kuva muri Islamu akakira Kristo, ukubohorwa kwiwe ntikuva mu nyigisho z’ivy’ukuri gusa no mu vy’uguharira mu gusangira ikiyago utumbereye kwiyamiriza ivyiyumviro vya Islamu. Ahubwo, twomenya yukw’uw’ari we wese akeneye kubohorwa n’ijambo rya Kristo: “Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri.” (Yohana 8:36; Abaroma 6:16,18,22). Abihanye benshi bagahindukirira Imana ntibashobora kwibohora bo nyene ubwabo rwose ngo bave mu kutamenya no kwinyugutura mu migozi kuko badashobora gukurikiza amabwirizwa ngenderwako y’urufatiro y’Umwami Yesu Kristo nk’ukw’ari: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire. Kuk’ugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, arik’uzoheba ubugingo bwiwe kubwanje azoburonka.” (Matayo 16:24,25)

Impwemu ya Allah irwana na Mpwemu Yera

Islamu ni impwemu yama irwanya Mpwemu Yera. Kuva kera hose igitangura yahahaza kandi igahama no kwica nabi ishengero rya Kristo. Abanyaburayi, ntibashobora kwumva ingene ishengero rya Kristo ryasuzuguwe birenze urugero, rigasubizwa inyuma hamwe no guhamwa mu kiringo kirenga urunganwe gushika ku rwa mirongwitanu na gatatu. Baracari gushika n’uyu musi mu gacinyizo, bagafatwa nk’aho bari mu kibanza ca kabiri aho kuba aba mbere mu kuba abenegihugu mu bihugu vyitirirwa idini rya Islamu kukw’ari bo benshi. Icumi kw’ijana ryonyene b’abanyamashengero rukristo ya mbere nibo bashoboye gushikama no guhagarara neza imbere y’ako gasuzuguro no kwemera bagashinyagurirwa, banka kwemera no guhindukirira idini rya Islamu! Baremeye ubukene bwabo, bemera kumaramara no gukozwa isoni ariko bahagararira agakiza kabo, barakemangira kugira ngo bashire hejuru uwabambwe, Umwana w’Imana.

Uwoshaka kumenya no gutahura amabi yakorewe Abakristo mu bihugu vyiganziwe na Islamu, yosoma neza iri kete. Ryari ryandikiwe amashengero y’i Damasiko n’akarere kose kahakikuje, kandi nibo bategerezwa kuriterako igikumu nk’ah’ari icabo:

Mw’izina rya Allah, Umunyempuhwe, Umunyembabazi:

Twebwe Abakristo b’i Damasiko (hamwe n’abakikuje akarere kose) twanditse iri kete ku mukozi wa Allah, Omar ben Khattab, igikomangoma c’abizera.

Mucinjira mur’iki gihugu, twabasavye ko mwoduha icemezo c’uko mutazodukomakoma ku mutekano wacu no kudukingira ubuzima hamwe n’imiryango yacu, ivyo dutunze vyose, hamwe na bene Data mu kwizera kwacu. Natwe mu kubasubiriza mu ndumane, twiyemeje ibi bikurikira:

Tubemereye ko muri kazoza, tutazongera kwubaka izindi nsengero, nta bindi bigo vy’abapadiri cank’ababikira, nta bindi vyumba vy’amasengesho, nta kindi kintu na kimwe kizongera kwubakwa kijanye n’ivyo mu bisagara vyacu. Ntituzigera twiyumvira gusanura ivyoba vyononekaye mur’ivyo twamaze kuvuga aho haruguru cank’aho hose hazoba hegeranye n’ah’Umusigiti wubatswe ah’ari ho hose.

Twugururiye imiryango ku ngenzi zose. Tuzakira neza aba Islamu bose nk’abashitsi bacu neza kandi tukazobaha indaro mu kiringo c’imisi itatu. Ntituzokingira ikibaba ku mutasi uw’ari we wese, haba mu rusengero rwacu canke mu ngo zacu. Ntituzihanganira ibanga na rimwe ryoshobora guhungabanya umutekano w’aba Islamu aho bari hose.

Nta nyigisho ziteranya abana bacu n’abanyu ku vya Korowani. Ntituzojana ubutumwa bwiza hanze kandi ivyo tukazobishikiriza no mu banyeshengero bacu bose. Ntawe tuzoshobora kwimira mu bacu ngo ntiyinjire mw’idini rya Islamu, mu gihe avyishakiye.

Tuzubahiriza aba Islamu aho bari hose kandi tunahaguruke mu gihe bagiye gufata ivyicaro mu kubaha icubahiro. Ntituzigera twigana inyambaro yabo, ngo twambare inkofero zabo cank’imikandara yabo. Ntituzambara ibirato vyabo canke ngo twigana uko bakora imishatsi yabo. Ntituzohirahira ngo twigane imvugo yabo kandi ntituzogira na kimwe twigana mu buryo bita amazina abana babo. Ntituzogendesha indogoba cank’ingamiya nk’ukwo babikora, ntituzitwaza inkota cank’imbugita, ntituzigera dutunga ikirwanishwa na kimwe canke ngo tucitwaze. Ntituzokoresha ikidodo kiriko ivyandiko vy’icarabu. Nta binyobwa biboreza tuzodandaza canke ngo tubinywe. Tuzimwesha nk’uko bikwiye. Tuzambara impuzu zimwe n’imikandara imwe aho tuzoba turi hose.

Ntituzerekana imisaraba yacu canke ngo dushire ahabona ibitabu vyacu nk’iyo twoba turi mw’ibarabara canke mw’isoko ah’aba Islamu bari. Tuzovuza buhoro buhoro cane inkengeri mu nsengero zacu. Ntituzoshira amajwi yacu hejuru imbere y’aba Islamu. Ntituzongera gukoresha imisi mikuru ahabona y’ibisandasanda (Umunsi mukuru w’intsinzi) canke kuri Pasika. Ntituzongera kurira ngo dushire ijwi hejuru dukoma induru no mu gihe twapfishije. Ntituzosengera mw’ibarabara canke mw’isoko ririmwo aba Islamu. Ntituzohamba abacu iruhande y’aba Islamu.

Ntituzokoresha abagurano boba barigeze gukoreshwa n’aba Islamu. Ingo zacu twemera ko ziri hasi y’iz’aba Islamu.

Ivyo ni vyo twebwe twese na bene Data dusangiye ukwizera twiyemeje kandi tuzokurikiza. Tukizera ko namwe mutwemerera kudukingira. Mu gihe tworenga kur’ivyo twebwe nyene twiyemeje, ntituzoba tugifise uburenganzira namba bwo gukingirwa no kuzigamwa, kandi tukazobihanirwa nk’ukw’intagondwa n’abagarariji zihanwa.

Kubw’icagezwe ca Islamu cashizwe ahagaragara na Mawardi, hatanzwe uruhusha rwo kurinda no kuzigama amagara y’abenegihugu, ariko rukaba impfagusa mu gihe ba nyenerwo badakurikije ibi bikurikira:

Kirazira kikazirirzwa kunebagura igitabu ca Allah (Korowani) canke kuvuga ko canditswe ukutari ko.

Kirazira kwagiriza intumwa ya Allah no kugira ic’umuvugako wamubeshera canke n’iyo wovugisha ukuri ngo woba umukoza isoni.

Birabujijwe kunebagura idini rya Islamu canke kugira ic’urivuzeko cose kibi.

Birabujijwe kwagiriza umugore w’umu Islamu ubusambanyi canke kumwegera umusaba ko mwokwubakana.

Birabujijwe kuvangira umu Islamu ku bijanye n’idini yiwe canke gukora ku vyiwe vyose.

Birabujijwe gushigikira imigwi yose irwanya ubutegetsi bushingiye kw’idini rya Islamu canke gusaba kw’ibihugu bihurikiye vyose mur’iyo ntwaro imfashanyo iy’ari yo yose.

Kuva mu 1973, turiko turabona ikwiragizwa rya Islamu, kuko gushika nka 20 kw’ijana birukangira ibigega vy’amasoko ntanganguvu y’igitoro abarabu nabo bakaboneraho kuvyitwaza mu kwamamaza idini ryabo rya Islamu. Kuva ico gihe, umuvuduko wa Islamu uriyongera mw’isi yose. Mu bihugu vyabo si ugupfa kujayo ujanye Ubutumwa Bwiza. Ikigeretseko, uwo wese mu b’iwabo yiyemeje guhindukirira Imana abavuyemwo aba yikwegeye urupfu. Amashengero y’Abakristo ba kavukire ari mu bibazo vyinshi vy’iterabwoba; ayandi ntanemerewe kwubakwa. Itegeko rya Sharia’ mu gihugu riremereye gusumba ibwirizwa nshingiro ry’igihugu. Ukwidegemvya n’uburenganzira bwa kiremwa muntu kubakristo kavukire bifise aho bigarukira. Naho ibikorwa vy’ijanabutumwa mur’ivyo bihugu bitoroshe, ariko bobo bongereje ishaka ryo gutuma mw’isi yose abaja kwamamaza no gukwiragiza Islamu hirya no hino. Imisigiti iri ku muvuduko uhambaye mu gukwiragira hirya no hino nk’inzige mu bihugu vy’Abakristo vyinshi.

Muri Indoneziya, hari imiryango y’abapagani yahadutse kuva kera mu gihe ca gikoroni c’Abadagi nka Batak, Dayak. Mu gihe gishize, hari amashengero arenga 700 yasenyaguwe no guturirwa mu ntumbero yo kugabanya igitigiri c’Abakristo mu bisagara n’uturere twiziziwe n’aba Islamu. Mu karere k’Uburaruko bwa Nijeriya, naho mu myaka ishize, habaye intambara ikomeye yo kurwanya Abakristo nah’ari bake cane ngo ni uko batemera gukurikiza Shari’a. Muri Egiputa, umugwi w’abazungu bo mu Buswisi bagize ivyago batewe akagwi k’abagizi ba nabi i Luxor igihe bariko baritemberera baraba inyubako y’urusengero rw’aho hantu; abakenyezi bakorerwa ivya mfura mbi mu gufatwa ku nguvu kand’izuba riva, abantu bose babona, abantu benshi bapfa bazira ubusa, abandi nabo bagacibwa ibivume; ivyo vyose kubera akarenganyo kabaye ndanse mur’ivyo bihugu vyiziziwe na Islamu.

Kwicisha bugufi nk’uko Bibiliya yigisha

Abakristo benshi gushika uyu musi ntibabona ko bari mu gice ca gatatu c’Intambara Nyeranda. Ah’umusigiti wubatswe muri Afrika, Aziya, Burayi no muri Amerika, haca hanashingwa rya tegeko ryabo ryo kwiyitirira ako karere kose nk’abahagaba, kubwa Shari’a, ugasanga ibwirizwa nshingiro ry’igihugu rirahonyangwa. Intumbero yabo nk’uko vyashinzwe na Khomeini n’abamusubiriye ni uko Islamu itegerezwa kuba idini ry’igihugu (Suras al-Baquara 2:193; al-Anfal 8:39; al-Saff 61:9-11).

Uwo wese avuga ko Allah muri Islamu ari Imana ya Aburahamu akongera kuba Se wa Yesu Kristo, yarazimiye kandi ntarakamenya imitego n’intambara arimwo ya Islamu. Ntaho kuva mbere hose aba Islamu bangana nk’uko tubabona ubu bari bwigere bagwirirana mu bihugu vy’Abakristo. Kubera ko bavyara bivuye inyuma kugira ngo bagwire cane, igitigiri cabo cigwiza kabiri mu myaka 27, mu gihe Abakristo bafata imyaka 54 yose kugira ngo nabo bigwize kabiri kw’isi yose.

Abakristo harageze ko biga bagatahura ivya Islamu bakurikije Ubutumwa Bwiza bamenye; bagafata umugambi wo kubwira Ubutumwa Bwiza Aba Islamu, vyose bakabikora mw’izina rya Yesu. Bitabaye uko, Uburundi bwose, buzikangurira kumaramara kukw’abandi bo bamaze kuvyuka no guhaguruka.

1.06 -- UTUBAZO

Mwene data Musomyi,
Nimba wize aka gatabu neza cane, ushobora kwishura vyoroshe ibi bibazo bikurikira. Uwo wese yokwishura ku bice 90% ibibazo vyose biri muri utu dutabu indwi uko biri neza, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo ruvuye mu kigo cacu ku bijanye

N’inyigisho zo ku rwego rwo hejuru
mu gutahura imizi ya Shari’a muri Korowani

nko gutera intege uwo wese azobandanya akora igikorwa ca Kristo. Vyoba vyiza cane hamwe munyishu zawe woza urashiramwo imirongo yo muri Korowani.

  1. Wize iki ku ntambara zakozwe na Islamu ku gihugu ca Esupanye no kuba carongeye kigasubizwa agateka kaco n’Abakristo nyuma y’imyaka 700?
  2. Aba Ottomani bigaruriye gute ibihugu vya Balkani? Vyafashe igihe kingana gute kugira ngw’ivyo bihugu vyibohore mu buja bwa Islamu?
  3. Ni ibihe bihugu vy’Uburayi bibamwo aba Turukiya b’aba Islamu barenga 100.000?
  4. Mbega bizoshoboka ko Turukiya yinjira mu bihugu bigize Ubumwe bwa Buraya? Icobanza kwihwezwa ni igiki?
  5. Ijambo Islamu risobanura iki?
  6. Mbega umu Islamu wese ategerezwa gusenga kangahe ku munsi?
  7. Gusenga Allah bisobanura iki?
  8. Kuki Islamu ari idini rishingiye ku gutsindanishirizwa kubw’ibikorwa?
  9. Utahura iki ku mirongo ya Suras 29:45 na 35:29-30?
  10.  “Allahu akbar” bisobanura iki? Umu Islamu yumva gute utu tujambo ku vy’Imana?
  11. Wiyumvira iki ku mazina 20 aba Islamu bakunze gufata nk’ayahambaye hamwe n’uburanga bw’Imana ukurikije Korowani?
  12. Ubumwe bwa Allah canke Allah bisobanurwa iki muri Islamu?
  13. Kubera iki Allah muri Islamu adashobora kuba mu Butatu Bweranda? Kuki Islamu ihakana ko hari amadini atatu yizera Imana imwe?
  14. Kuki umu Islamu atizera kw’Imana ari Data?
  15. Kubera iki Korowani ihakana ko Kristo ari Umwana w’Imana?
  16. Kubera iki Mpwemu Yera muri Islamu atari Imana?
  17. Urukundo rw’Imana rutandukaniye he n’impuhwe za Allah?
  18. Ni gute Allah wa Islamu ari antikristo mu mpwemu, arwanya ivya Bibiliya?
  19. Ni ibihe binyoma cank’ububeshi bwemerewe umu Islamu?
  20. Igisomwa ca 1 Yohana 2:22-23 kivuga iki kuri Islamu?
  21. Kuki impwemu ya Allah yama irwanya iya Mpwemu Yera?
  22. Wize iki ku masezerano ya Caliph Omar n’Abakristo b’i Damasiko?
  23. Ni iyihe ntumbero nyamukuru ya Islamu?

Mukwishura ibi bibazo Umuntu wese ararekuriwe gukoresha ibindi bitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu mu nyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagukomeza, akagutuma, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwose !

Abo musangiye umurimo,
Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:
info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on October 02, 2022, at 03:46 PM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)