Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":

Home -- Kirundi -- 03. Basic Differences -- 2 The call from the Minaret

This page in: -- Arabic? -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Indonesian -- KIRUNDI -- Portuguese -- Russian -- Telugu

Previous booklet -- Next booklet

03. Itandukaniro hagati ya Islamu n’ubukristo

2 - UGUHAMAGARA KU MUNARA W’UMUSIGITI : BISOBANURA IKI?

Abagurano b’Umwami

Mu bice vyinshi vyo kw’isi, ushizemwo n’igitigiri kitari gito c’ibihugu vy’Uburayi, imisigiti ifise iminara irubakwa ku bwinshi. None ingaruka z’izo nyubakwa cank’ikinyegeje inyuma y’ivyo bikorwa vy’ukwubaka iyo misigiti canke uwo aba Islamu bita mu rurimi rwabo rw’icarabu Muezzin aba arikw’arahamagarira bene wabo ahagaze ahirengeye ku munara, akabahamgara asemerera ibihetangabo bitanu buri umusi ngo baje gusenga ni igiki?



2.01 -- UGUHAMAGARA KU MUNARA W’UMUSIGITI : BISOBANURA IKI?

Abagurano b’Umwami

Kandi muzomenya ukuri,
kand’
Ukuri
kuzobaha kwidegemvya.

(Yohana 8:32)

Igihe igiciro c’ibitoro caduzwa bivuye ku ntambara ya Yom Kippur mu 1973 kugizwa kane urengeje igiciro cahoraho ; kikaguma ciyongera uko bukeye uko bwije, ni nakw’aba Islamu nabo babandanya kwiyemera no kwishira hejuru. Nkuko Shari’a iri, ibice 20 kw’ijana vy’ibitoro vyabo vyategerezwa gukoreshwa mukwamamaza Islamu no kuyikwiragiza hose mw’isi (Sura al-An’am 8 :41). Kuva ico gihe nyene, imisigiti yubatswe urutavanako igwirirana nk’inzige ziteye ku migabane yose y’isi.

Buri gihe mu gatondo uko bukeye uko bwije mu mutwenzi, umuntu atarashobora gutandukanya icera n’icirabura, umuhamagazi bita Muezzin ahamagarira abayoboke ba islamu gusenga Allah ahagaze hejuru ku munara. Mu bisagara no mu bigwati uhasanga inyongeramajwi hejuru ku misigiti yabo : “Amasengesho aruta gusinzira !” Ibihetangabo bitanu vyose ku musi, aba Islamu bahamagarirwa gusenga batumirwa n’uwuri mu gasongero ku munara mu mutwenzi, kumutaga, kumuhingamo, kukirengazuba no kugahwibiro.

Ijambo “umunara” ryavuye mu carabu “manarat”, bisobanura “inzu y’umuco”. Nk’uk’umuco w’itara riri ku bwato buroba mu kiyaga, ni ko n’umunara ukwiye kurongora umu Islamu kugira ngo ntave mu nzira ya Islamu, kandi rigahamagarira aba Islamu bataye inzira n’abatarayoboka iryo dini kwihana bakagana “inzira igororotse” ijana mw’ijuru. Islamu ikaba yiyita “idini ryo guhamagara”, ritumira abantu bose (Din al-Da’wa), kandi rikagira ukwizera kwo gutuma abakozi hirya no hino kwamamaza Islamu (Suras al-Baqara 2 :193 ; al-An’am 8 :31 ; al-Saff 61 :9-11).

Kubera kw’iryo hamagara ibihetangabo vyinshi kw’isi yose birenga ama miriyoni bari ku minara y’imisigiti kandi rikaba ritegerezwa gukorwa mu Carabu, reka dusobanure iri sengesho rivugwa na wa muhamagazi Muezzin :

Allah ni mukuru ! Allah ni mukuru!
Allah ni mukuru ! Allah ni mukuru!
Ndabishingira intahe: Nta yindi Mana iriho atari Allah!
Ndabishingira intahe: Nta yindi Mana iriho atari Allah!
Ndabishingira intahe: Muhammad ni umuvugishwa na Allah!
Ndabishingira intahe: Muhammad ni umuvugishwa na Allah!
Muvyuke gusenga! Hagurukira kuroranirwa!
Muvyuke gusenga! Hagurukira kuroranirwa!
Allah ni mukuru! Allah ni mukuru!

Intangamarara igizwe no guhamagara ibihetangabo bine: “Allah ni mukuru!” Umurongo wa nyuma usubirwamwo kabiri mu kuvyemeza. N’ibindi ni uko bigenda bisubirwamwo kabiri nyene. Ibindi bikurikira, tuzoshobora gusobanura neza ingingo ngenderwako cank’ivyizerwa vya Islamu.

2.02 -- Allah ni Mukuru!

Iyi ncamake mu vyizerwa vya Islamu isubirwamwo kenshi nk’ibihetangabo bitandatu mw’ihamagara ryose rya Muezzin kandi ikaba itegerezwa kuvugirwa hejuru ku minara y’umusigiti ibihetangabo mirongwitatu ku umusi. Uku kwemera hari igihe benshi bagutahura nabi mu kuvuga “Allah ni mukuru!” cank’abandi nabo bakivugira ngo “Allah ni we mukuru kuruta!”. Bisanzwe Allah ari mukuru vyonyene, bisobanurwa ko hari ikindi cank’uwundi mukuru kumuruta. Mu bundi buryo, bisanzwe yokwitwa “mukuru cane”, vyoba bisobanurwa kw’ari mu rwego rw’ivyo yaremye. Oya, si ko biri. Allah ni mukuru ku bury’ataco womugereranya. Ni kibirengeye!

a) Allah akwiye gushirwa hejuru y’ivyo yaremye vyose : Ico Islamu iba ishaka kuvuga mur’ukwo guhamagara kwabo mu kwizera ni iki: Allah, Mushobora vyose, ni umuremyi w’ikirere cose co mw’ijuru (Sura al-Zumar 39:5; al Mulk 67:2-3; …)! Ubutumzi bwose ni ubwiwe. Ivy’afise n’ububasha bwose ntibigira iherezo (Suras Luqman 31:26; Muhammad 47:38). Ububasha bwose n’ubwiza bwose ni ivyiwe. Ni Segaba kandi abereye gusengwa; We wenyene (Sura al Rahman 55:27). Amenya vyose kand’ubwenge bwiwe bukaba burengeye ubw’abanyabwenge bose (Suras al-Baqara 2 :282 ; al-Tauba 9 :60 ; ...). Ni Umunyagitinyiro cose kuruta na vya bitwaro vya kirimbuzi vya kabuhariwe (Suras al-Hadid 57 :2 ; al-Taghabun 64 :1 ; al-Mulk 67 :1-2 ; …). Ntarenganya mu vy’akora vyose ; ni mwiza kuruta ivyo tubona vyose. Ari hejuru y’imibabaro yose, akarenganyo kose cank’ivyago vyose. Allah yama ari mukuru ibihe vyose!

b) Allah ni mukuru kuruta impwemu zose zo mw’isi, mu buryo budasanzwe: Urupfu ruri mu kiganza ciwe kukw’aruganza. Nta wupfa atabizi. Allah yica uw’ashaka (Suras al-Rum 30 :40 ; al-Mu’min 40 :68 ; ...). Na Satani ni umuja wiwe nk’ibindi vyaremwe vyose (Sura al-Furqan 25:2). Ubugombe bwa Allah ni ukwuzuza canke guhonereza benshi muri Gehinomu cank’i kuzimu hamwe n’impwemu (Sura al-Sadjda 32 :13) ! Abamarayika bose baganzwa na Allah akabategeka ic’ashatse. Korowani iravuga kuri Mpwemu Yera nk’umuja cank’umugurano wa Allah (Suras Bani Isra’il 17:85; al-Qadr 97:4). Nk’umwe na “Djibril” (Gaburiyeli) ashobora kuba yarashikanye iyerekwa kuri Zakariya na Mariya ry’Umwami, Kristo na Muhammad. Impwemu zizera Korowani nazo zitwa aba Islamu. Arikw’izo mpwemu ntizizoragwa ijuru (Sura al-Djinn 72:8-14).

Aba Islamu bizera kw’igihe Neil Armstrong yaja mu kirere ari mu kigendajuru agahonyoza ibirenge vyiwe ku kwezi, nawe yumvise ijwi rimuhamagara rimibwira ko : “Allah ni mukuru”. Igihe mu nyuma Neil Armstrong bamubaza ko yigeze yumva iryo jwi, yishuye kw’ataryo yigeze yumva namba, ata n’igisanira. Naho biri uko, aba Islamu bemeza kw’uwo muhamagaro “Allah ni mukuru !” wuzuye isi yose n’ikirere cose !

c) Allah aruta uko twomwiyumvira kwose : Uko twokwiyumvira kwose, ivy’ubwenge bwose cank’ivyo kwandikwa vyose ku muremyi, Umwami n’umucamanza w’isi yose ntivyokunda kubwa Islamu. Ukwatura ukw’ari ko kwose mw’iyobokamana ribaho nta kuri kurimwo kandi ni ibinyoma gusa cank’urwiganwe. Menshi mu mazina 99 meza cane ahabwa Allah arivuguruza ubwayo no hagati yayo ukw’ari, ku bury’ukurikije uko al-Ghazali abivuga nawe nyene ubwiwe, Allah ni vyose kandi ntaco ari co. Ntatahuritse namba. Aratandukanye rwose; ni mukuru, ari kure cane, imana udashobora gushikira, iri kure cane y’ivy’umuntu azi, n’ivy’ibigumbagumba vy’umuntu (Sura Muhammad 47:4-5).

Ntarenganya, nah’ashobora kuzimiza uw’ashatse. Arongorera mu nzira igororoka uw’ashatse (Suras Al ‘Imran 6:39; al-Ra’d 13:27; Ibrahim 14:4). Ahindura amayerekwa yiwe ya mbere akayasubiriza ameza agezweho, akurikije ibiriko biraba. Imirongo irenga 240 ya Korowani yarahanaguwe burundu ikuwe n’ayo mayerekwa mashasha (Sura al-An’am 16:101-103). Mushobora vyose ashobora kurimbura abagurano biwe, intumwa ziwe n’abakozi biwe mu vy’aberetse iy’abona ko bikenewe. Nk’uko Korowani yanditswe, Yesu nawe nyene ni umuntu nk’abandi Allah yashobora kurimbura igihe cose ashakiye (Sura al-Ma’ida 5:17). Allah ari hejuru y’ivy’umuntu yiyumvira mu guca iziroranye. Allah ni umunyabugunge n’umubeshi wa mbere (Suras Al ‘Imran 3:54; al-Anfal 8:30)! Ariko nta wumugenga mu vy’akora vyose.

d) Allah aruta ukwizera kwose kw’abakristo : Muri Islamu, umwana wa Mariya ntiyitwa Yesu ariko ni ‘Isa. Mu guhindura iryo zina, bamwambuye ubumana bwiwe, bamwaka ukubaho kwiwe kw’ibihe bidashira n’ububasha bwo gukiza (Suras al-Nisa’ 4:171; al-Ma’ida 5:72; al-Tauba 9:30). Korowani yerekana ’Isa nk’impwemu yaremwe na Allah, yahumekewe muri Mariya (Sura Al ‘Imran 3:47,59). Ibitangaza vyose yakoze vyashitse mu bubasha bwa Mushobora vyose hamwe n’impwemu yiwe (Sura al-Ma’ida 5:110). Dukurikije iyobokamana rya Islamu, ’Isa ntiyigeze abambwa, ariko yarasinziriye avyukira mu Mwami akiri muzima (Suras al ‘Imran 3 :55 ; al-Nisa’ 4 :157-158). Aba kera bavuga nk’uko vyanditswe mu bitabu nyene vya Islamu kw’azogaruka igihe c’iherezo. Aje kwica antikristo no gihundura abatemeye Imana bakaba aba Islamu bizera. Allah aruta kure ‘Isa, kuko nawe nyene ari umugurano wiwe.

Muri Islamu, Mpwemu Yera si uwera ubwiwe muri We, ariko yitwa “impwemu y’Uwera” (Suras al-Baquara 2:87.253; al-Ma’ida 5:110; al-Nahl 16:102). Kimwe na Djibril (Gaburiyeli) nawe nyene ari munsi y’ububasha bw’ikirenga bw’Umucamanza kuri wa musi w’amateka, aho nawe nyene azohagarara imbere y’intebe y’imanza kimwe n’abamarayika bandi bose, ata jambo afise, arindiriye gukubitwa inkoni mu gahanga (Sura al-Naba’ 78:38).

Muri Islamu, Allah si Imana Data. Ntavyara kandi ntiyavyawe. Nta n’umwe bangana (Sura al-Ikhlas 112,3-4). Si Imana y’urukundo, ntishaka kugiriranira imigenderanire n’aba Islamu ngw’igiriranire amasezerano nabo. Agirira impuhwe uw’ashaka, arikw’akaba kure y’ivyaremwe vyiwe. Allah ntari muri Paradizo canke mw’ijuru ry’aba Islamu. Araguruka mu birere hejuru yabo kand’akigumira kure ahadashobora gushikwa ibihe bidashira.

Uwo wese asoma iyi ncamake neza kuvya Korowani arashobora guca atahura neza ko Allah wa Islamu atari Imana ya Bibiliya na gato.

2.03 -- Nta yindi Mana atari Allah

Nyuma yo kwatura mu buryo bune “ubwiza bwa Allah” (takbir), aba Muezzin baca batura n’ijwi rirenga ukwizera kw’aba Islamu. Mu gukora gutyo, ntibaba bariko barakora ibihari mw’iyobokamana ryabo, ariko baba bariko baratura, mu guserurira aba Islamu bose urufatiro cank’umushinge w’idini rya Islamu n’umuco wabo kama muri rusangi. Uwo wese yumva ako kamo k’ihahamagara ategerezwa gusubiramwo ukwo kwatura kw’ukwizera kwa Islamu, akavyatuza akanwa kandi abikuye ku mutima. Ah’uku kwatura guturutse hose mur’iryo hamagara, aho ryumvikanye hose n’aho barisubiriyemwo hose mu kuryemera, bisobanurwa kw’inganji ya Allah yamaze kuhashika nk’uko Islamu ivyiyumvira.

Uwo wese asubiyemwo ukwo kwatura kw’iyo ntahe ibihetangabo bibiri imbere y’umu Islamu iyo bariko baramwigisha Islamu aba nawe ahindutse umu Islamu ! Gusubiramwo iyo ntahe y’ukwatura ni imwe mu ntambuko ko yemeye ivyizerwa vya Islamu kand’akaba ashitse kure mu kwiboha mu vy’akaranga n’imico ya Islamu.

Umu Islamu ashingira intahe kw’ata yindi Mana atari Allah (Sura al-Haschr 59 :23). Gutyo, aba yinjiye mu ngorane z’intambara nk’iza Mose n’abavugishwa n’Imana b’Isezerano rya Kera. Muhamedi yashaka gukuraho ivyo gusenga ibigirwamana vy’i Ka’aba i Maka no gutanguza idini rigezweho rigendera mu kuvangavanga ivy’idini y’Abayuda, iry’Abakristo n’ayandi madini yari ahari. Yizera imana imwe gusa nk’ukw’Abayuda bavuga kand’agahakana rwose ubutatu bweranda (Sura al-Nisa’ 4 :171 ; al-Ma’ida 5 : 73,116). Muhamedi yagaya rwose ukwizera kw’Ubutatu bweranda nk’ah’ari uburogosi budashobora kubabarirwa. Ibanga ry’urukundo rw’Imana mu kwihindura umuntu Yesu kugira ngw’abamwizera bose baronke Mpwemu Yera wiwe ntivyumvikana mu bwenge bw’uwo muvugishwa w’Abarabu (Sura al-Tauba 9 :29).

Akamo gatererwa ku munara w’umusigiti gasobanura ahanini guhakana rwose Imana, Data, Umwana na Mpwemu Yera ! Igishingantahe c’aba Muezzin kirimwo ubu antikristo no kutemera ubutumwa bwose bw’ivy’impwemu. Allah muri Islamu ntashobora namba kuba Data wa Yesu Kristo! Guhamagara bari ahirengeye ku minara ni nk’aho baba bariko barahakana ivyizigiro vyose vy’Umukristo ah’ari hose nk’aho bidafise ishingiro! Ni intambara gusa baba bariko barashaka gutanguza. Ikibabaje ni ukw’ari bake cane bamaze kubitahura.

2.04 -- Muhamedi ni we Ntumwa Yiwe

Ba Muezzin ntibatura ukwizera kwabo muri Allah gusa, ariko baba banatura ukwizera kwabo no muri Muhamedi kuko mur’ukwo kwatura, Muhamedi si umuvugishwa wa Allah gusa vyonyene ariko ni intumwa ya Allah. Mu ntango, Muhamedi yitahura nk’umurinzi cank’umunyezamu yahamagariwe kuburira abantu Urubanza rwari rwimirije mu bihe biri imbere (Suras al-Ra’d 13:7; Sad 38;4,65; Qaf 50:2; ...). Yashingiye intahe itegeko rya Islamu (Shari’a) nk’uburyo bwonyene ku bigishwa biwe bwo gukirizwamwo ako kaga k’umucamanza. Muhamedi ntiyigeze ariko yiyita umukiza, umucunguzi cank’umuhuza, ahubwo yari azi kw’ari intumwa ya Allah n’umuserukizi; akaba yagomba kurongora aba Islamu bose muri Paradizo mu kwitondera ivyagezwe vyiwe (Suras al-Fatiha 1:6; al-Ma’ida 5:48; al-Djathiya 45:18).

Muhamedi ntiyasaba abamukurikira kumwizigira vyonyene no kumwizera ariko yategeka ko bategerezwa kumwumvira no kumugamburukira (Suras al-Nisa’ 4:59,150-152; al-A’raf 7:158; Muhammad 47:33; al-Hudjurat 49:14; al-Hadid 57:28). Abataramenya neza ivya Islamu bizera ko yigisha kwizera Allah gusa. Baba bibesha cane rwose. Korowani itegeka kwubaha no kwumvira Muhamedi. Umu Islamu wese ategerezwa kwigana umuvugishwa wiwe, akabaho nk’uko yabaho. Mu kubivuga neza, ategerezwa “kwambara” Muhamedi! Uburyo yabaho (Sunna) ni bwo soko ya Shari’a. Muhamedi ni we citegererezo n’urufatiro rw’idini rya Islamu.

Islamu si idini ryo kumurikira abantu ahubwo ni iciyumviro gusa citiriwe idini na politike, mu buryo bwo gusenga n’Intambara Nyeranda, ukwizera mu buryo bwo gushaka gushira abantu hamwe. Intumbero ya Islamu ni iya reta canke gukoraniriza abantu hamwe nk’abanyagihugu (Suras al-Baqara 2:193; al-Anfal 8:39; al-Hudjurat 49:14). Icagezwe gitegeka k’uw’ari we wese yubaha ubutegetsi nk’ukw’igihugu cose gitegerezwa kwubahiriza ico cagezwe ca Shari’a. Kubw’ivyo, idini na politike ntibishora gutandukana. Muhamedi yari yiyizi nk’umuvugishwa n’umukuru w’igihugu. Mose ngo yari icitegererezo ciwe.

Hassan al-Banna, uwatanguje umuryango w’abavukanyi w’aba Islamu muri Egiputa yigishije kw’umu Islamu wese yizera, agasenga, agafunga, kand’agatangira ikora idini ryiwe aba akibuze vyinshi kugira ngw’akwize ibisabwa kuba umu Islamu mwiza. Utegerezwa kwubahiriza Shari’a y’igihugu ubamwo, ukagira ukwizera kwose kugira ngo ushike ku kugororoka kwose. Ibisigaye vyose vya Islamu ni intango cank’ibisanzwe. Kubw’iyo mpamvu, kwizera Muhamedi ni kwo kuyoboka vy’ukuri idini ry’igihugu, ni kwo kuba umunyagihugu yuzuye.

2.05 -- Muze gusenga!

Ibihetangabo cumi ku musi, umu Islamu yumva aka kamo ka Muezzin. Ntibaba bahamagariwe gusengera iwabo mu mwiherero, ariko ni gusenga ibihetangabo bitanu mu musigiti. Uwudashoboye gushika ku musigiti arashobora gusengera ah’ari muhira, mu ndege canke mu yandi makoraniro y’abantu benshi. Amasengesho yose akorwa mu rurimi rw’icarabu. Ni ngombwa kw’aba Islamu bose basenga nk’ukw’itegeko rya Allah riri!

Mbere y’isengesho iry’ari ryo ryose habanza umugenzo wo kwitunganya nk’ukwo vyategetswe (Sura al-Ma’ida 5:6). Muhammad Hamidulla yavuze kw’uwo mugenzo, mu gitabu yanditse citwa “Intangamarara kuri Islamu” ibikurikira: “Intambuko ya mbere ni iyo kwitunganya ku mubiri nk’uko “bismillaah” abivuga (hamwe n’izina ry’Imana), kwiyuhagira ubanje gukaraba intoke gushika ku birenge, ukiyugumura mu kanwa, ukoza n’amazi mu mazuru, ukiyuhagira mu maso, uhereye mu ruhanga ugashitsa ku gasakanwa no kuva ku gutwi kumwe ugashitsa ku kundi gutwi, ukoza amaboko yose cane cane gushika ku nkokora, gushira urutoke rutose mu matwi no kw’izose nk’ukw’ibitabu bimwe bibiteganya, kwoza ibirenge vy’amaguru gushika ku maso yavyo – ivyo vyose ukabikora ibihetangabo bitatu, kiretse iyo hari ubukene bw’amazi. Mu gihe urwo rukurikirane rutubahirijwe nk’uko vyateganijwe, isengesho riba ryakozwe nabi kandi ntaco riba rikimaze. Mu bukene bw’amazi, hakoreshwa umusenyi cank’amabuye (tayammum). Nyuma y’uwo muhango gushika amasengesho aheze uretse guhema n’amajambo avugwa, nta kindi gitegerezwa gusohoka kivuye mu mubiri w’umu Islamu. Bitabaye uko, isengesho riba ripfuye ubusa!

Umu Islamu arazi neza kw’adashobora kuza imbere ya Allah gutyo. Ategerezwa kubanza kwitunganya kuva ku mutwe gushika ku birenge. Ivy’ugutunganya ubwenge n’umutima ntibibaho muri Islamu. Kubw’ivyo, kwitunganya kwa buri musi ni ukw’inyuma gusa ku mubiri. Nta kwihana kuba kurimwo canke guhinduka mu kwezwa.

Imyanya yategenijwe yo gusenga ukw’ari itanu ku mu Islamu ubiravye nta kubonana n’Imana kubamwo namba canke kuvugana nayo. Uwo mwanya kuri we ni uwo guha Allah icubahiro vyonyene hamwe no kwishikana cank’uguca bugufi imbere y’uwumugaba. Kwihana ivyaha canke gusengera abandi ntibibaho mur’ayo masengesho.

Mu ntango, abitabiriye amasengesho mu musigiti batonda umurongo maze bagatangura kurimbura ku vyo bakwiye kuvuga no gukora. Bagatangurira ku kwatura ngo “Allah ni mukuru!” Hanyuma y’ivyo, mu gacerere bagasubiramwo ubwabo isengesho rya Islamu ryitwa Fatiha, (Sura al-Fatiha 1:1-6), cank’umurongo w’ivyizigirwa (Sura al-Ikhlas 112:1-4), ivyo vyose bihakana mu kwiyamiriza Ubutu Bweranda.

Abitavye akamo ko gusenga bagira incamake y’isengesho ry’agacerere mu kurangiriza kuri: “Allah ni mukuru!”, bakunamika imitwe yabo mu gihe bahagaze bakabona kuvuga bati: “Umwami wanje Mukuru ahabwe icubahiro!”

Hanyuma y’ivyo, basubiza umugongo buhoro bagasubiramwo bavuga bati: „Allah yumva uwo wese amuhesha icubahiro!”; aho ni ho baca basubiramwo kandi: “Allah ni mukuru!”, bagapfukama hamwe no gukoza agahanga hasi (Suras al-Isra’ 17:107; al-Hadjdj 22:77; al-Fath 48:29). Uwaje gusenga wese avuga ibihetangabo bitatu ati: “Icubahiro ni ic’Umwami wanje ashizwe hejuru!”

Bakiri ku mavi, barahaguruka buhoro buhoro bakongera kwatura bavuga bati: “Allah ni mukuru!”

Barongera bakunama gushika hasi ubugira kabiri mu gusubiramwo ibihetangabo bitatu vya vyizerwa vya Islamu: “Icubahiro ni ic’Umwami wanje, ashizwe hejuru!”

Bamaze igice ca mbere c’amasengesho barahaguruka kugira ngo batangure igice ca kabiri mu guhamagara nk’ubwa mbere bati: “Allah ni mukuru!” kand’uko ni ko bakora ibimenyetso nk’ivya kare.

Ukurikije ukw’aba Malikite babikora, mur’abo nabo hakaba hagwiriyemwo aba Islamu b’abanyafrika, hakorwa isengesho risubirwamwo kabiri buri gihe mu mutwenzi, kane isaha zitandatu, ibihetangabo bine nyuma y’umutaga, ibihetangabo bitatu mugahwibiro na kane mw’ijoro. Vyose na vyose hamwe, iri sengesho rikorwa ibihetangabo cumi n’indwi ku musi.

Mu kurangiza amasengesho abaje bose bavuga ivy’Ukwatura nk’uko vyateguwe mu nyandiko, bihakana ubumana bwa Kristo n’ubwa Mpwemu Yera. Basezerana mu kwifurizanya, umwe wese ku wuri i buryo bwiwe amahoro ya Allah.

Uko ni ku umusi wose aba Islamu babigenza ibihetangabo bishika 100 mu kuvuga “Icubahiro ni ic’Umwami wanje, Uwuri Hejuru!”, ibihetangabo 68 mu kwatura “Allah ni mukuru!”, ibihetangabo 51 basubiramwo “Icubahiro ni ic’Umwami wanje Mukuru!”, ibihetangabo 17 mu kwemeza ko “Allah yumva uwumutazira wese!”, ibihetangabo 5 basubiramwo ivyizerwa vya Islamu, hamwe n’indamukanyo y’amahoro, nayo ikaba ari ngw’iy’aba Islamu bonyene. Aha bibaza ko baba barigishijwe bihagije mu kwiyumvira ko: Gusubiramwo kenshi bituma haba gukomezwa no kunagura ubwenge! Yamara ni gake ayo masengesho akurikizwa. Bigatuma harashizweho kenshi akanya gato ko gusenga kugira ngw’abatazi gusoma nabo bafashwe mu gusenga Allah no guca bugufi imbere yiwe.

Gusenga Allah birangirira mu gupfukama kw’aba Islamu bose, mu kwunamika imitwe yabo gushika hasi. Mur’ico kiringo co gusenga ibihetangabo bitanu ku musi bategerezwa kubigenza gutyo imbere ya Allah ibihetangabo 34. Intumbero ngo ni ukugira ngo bashikirize ubugingo bwabo bwose ku Wabaremye, Umwami kand’ari we Mucamanza. Ni abiwe. Umu Islamu ntiyidegemvya. Yishize wese mu maboko ya Allah. Ni imbohe yiwe. Ni umugurano wiwe akaba n’igikoresho ciwe. Islamu bisobanurwa kwiherera, kwishikana canke guca bugufi no kugamburuka. Mu gihe c’amasengesho yo ku musi, kugamburuka barabikora bikagaragara ariko naho nyene ntibishimishije.

Allah muri Islamu si Data wa Yesu Kristo. Afise ubumana buruta ubwa Data, Umwana na Mpwemu Yera. Ibi bisobanura kw’iyo aba Islamu bishikana kuri Allah baba bariko barishira mu mpwemu ya antikristo, maze akabiganzira. Ni yo mpamvu aba Islamu baboshwe. Mu gusenga kwabo ntibamenya ko baba bishira bo nyene mu bugurano bwa buri musi, bagakurikira mu butamenya ububeshi bw’amajambo ya Korowani.

2.06 -- Hagurukira Kuroranirwa!

Ibihetangabo cenda ku musi, Muezzin arahamagara mu kuvuga ati: “Uwusenga wese araroranirwa.” Bisobanurwa ko kur’uwo musi wose uwitabiriye amasengesho mu buzima bwiwe azohezagirwa akaroranirwa ku magara meza, uwufise ibibazo vyose bigakemuka, ku kazi bikagenda neza, urudandazwa rukagenda neza, umwimbu ukaba mwinshi, ingendo zikagenda neza, ivy’urukundo bigakemuka, ukavyara abahungu benshi, ukaroranirwa mu vya politike, ubutunzi hamwe n’ intsinzi mu Ntambara Nyeranda yabo bama bararwana. Ibijanye vyose n’ukuroranirwa mw’iyi si bija mur’ako kamo no kukitabira: “Haguruka usenge – hagurukira kuroranirwa!”

Ku bijanye n’ubuzima bwa kazoza inyuma y’urupfu, aka kamo gahamagarira aba Islamu ku gikorwa c’ukubabarirwa ivyaha mu gusenga Allah. Iyindi ntumbero yo gusenga Allah ni iy’ugukwiragizwa no kwamamazwa kwa Islamu. Vyongeye, intumbero y’ayo masengesho ni iyo kugira ububasha ku mpwemu (Djinn) ku ntumbero za nyene kwitabira amasengesho no ku mwansi uw’ari we wese (Sure Al ‘Imran 3:61). Umusenzi yizigira mur’ukwo kwiherera kuronka ububasha bwose bwo guhagarara neza kuri wa musi w’amateka kugira ngo ntazohave aja mu muriro udahera (Gehinomu) (Sura Maryam 19:72), kuroranirwa mu bwiza bwose muri Paradizo (Sura al-Tauba 9:111).

Birumvikana neza kubw’ivyo ko Islamu ari idini ryo kugororoka kubw’ibikorwa. Agakiza kuri Islamu si ku buntu ariko kavana n’ivy’umuntu aba yakoze. Umu Islamu wese yizigira kw’ibikorwa vyiza yakoze bizoshirwa ku munzane bigasuzumwa ugereranije n’ibibi yakoze (Sura Hud 11:114). Yizera kw’azokizwa n’uko yasenze Allah (Suras al-Ma’ida 5:12; Fatir 35:29-30; ...). Amafungo y’ukwezi kwose nk’uko bayita ukwezi kwa Ramadan, gutanga amakori y’idini no gufasha abakene ni vyo bintu biza imbere y’ibindi mu gucungurwa kwabo. Amasengesho ni uburyo bw’ukwumvikana na Allah kukw’ari we anyaruka cank’afise ubuhanga buruta ubw’imashini nyabwonko, akaba ashobora kwandika ic’ari co cose ata kimusovye uwashoboye kwiherera muri kwa gusenga no gupima vyose ugereranije n’ivyaha yakoze hamwe n’ivyo vyose vyamunaniye gukora (Suras al-Nisa’ 4:6,86; al-An’am 6:62; al-Nur 24:39).

Ayo masengesho mu bihetangabo bitanu vyose ni ngombwa si ku bushake bw’umuntu: ni itegeko rigengwa n’ivyagezwe. Ibihe vyayo vyarashinzwe ni ntabanduka. Umu Islamu wese ategerezwa kwubahiriza no kugamburukira Shari’a. Kuvyitondera nk’uko vyagezwe bikiza umu Islamu gucirwako iteka na Allah. Islamu ni idini rigendeshwa n’ivyagezwe kandi ridashingiye ku buntu bw’Umukiza (Suras al-Ma’ida 5:9; al-Hadjdj 22:50; al-‘Ankabut 29:7; al-Ahzab 33:35; ...).

Ngaha aho Islamu yihendera cane rwose. Umugenzo wo kwitunganya ku mubiri imbere yo kuja gusenga ni ku rukoba gusa. Ntaco ufashije umutima. Kubw’ivyo ayo masengesho ya Islamu ntaco azanira umuntu ku vy’agakiza kiwe. Umu Islamu gushika uyu umusi aracaboshwe kukw’ataramenya urukundo rw’Imana. Yarazimiye, ntazi iy’aja n’iy’ava kukw’atagendera mu muco wa Bibiliya. Azi gusa kw’ashobora kwikiza ubwiwe kuri wa musi w’urubanza rwa Allah. Ntaramenya ko yavukiye mw’isi yanduye, yamaze kwononekara ikabora kubw’icaha (Kuvayo 6:5; 8:21; Zaburi 51:5). Yihakanye Umukiza Yesu Kristo, yanka agakiza kubakiye ku buntu n’ingabire ya Data vyamuteguriwe kuva kera. Umu Islamu ntatahura namba ugutazira kw’intumwa Paulo aho yandika iyi ndirimbo:

Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se,
iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro
yose y’impwemu ahantu ho mw’ijuru
muri Kristo.

(Abanyefeso 1:3)

Abakristo ntibasenga ngo bashobore gukizwa canke baroranirwe igihe n’ibihe bitazoshira; ariko basenga bashima Se wo mw’ijuru kuko yamaze kubakiza mu Mwana wayo Yesu Kristo. Nyuma y’impongano y’urupfu yatanze ku Mwana wayo ku musaraba, yatanze inzira mu kwugurura imiryango y’ijuru ku bamusenga bose mu kuri no mu mpwemu, eka mbere n’abahora bamurwanya bose (Ivyakozwe n’intumwa 2:17-21). Intumbero nyamukuru y’amasengesho yacu ni iyo gushima agakiza kuzuye twaronse hamwe no gusukwako Mpwemu Yera akibera mu mitima yacu. Ntidusenga Imana ngw’itugirire impuhwe n’ikigongwe; ahubwo turayikunda tukayihimbaza kuko yamaze kudutsindanishiriza, ikongera kutugira bazima muri Mpwemu wayo. Dusenga kugira ngo mu buzima bwacu bwose tuzame tumutazirira Ubuntu n’ubwiza vyiwe ibihe bitazoshira (Abanyefeso 1:13-14).

2.07 -- Allah ni Mukuru!

Mu guheraheza akamo kabo, aba Muezzin bongera guhamagara kabiri bati: “Allah ni mukuru!” Ubiteranirije hamwe Allah ahabwa icubahiro ibihetangabo 98 ku umusi iyo bahagaze ahirengeye ku minara no mu misigiti.

Ukwo gusenga Allah gutuma rimwe na rimwe habamwo gucanamwo ibice mu muryango iyo hagize uwanka guhindukirira Islamu akagumuka. Hari abarwanashaka ba Hezbollah bamaze kwakira umugabane w’impwemu ya Allah, kuko bamaze guhitamwo kw’umuryango wose uk’ungana utegerezwa kugendera mu vyagezwe vya Islamu uvyemera utovyemera. Haramutse rero hagize uwugumuka ntakurikize ingingo za islamu nko kugendera mu kwizera kwose kwa islamu, abo bitwa ko baronse umugabane w’impwemu ya Allah baba ari inyeshamba zateguwe neza mu vy’intambara hakabaho guhitamwo kwihorera canke kurwanya abo bagumutsi (Sura al-Mudjadila 58:22).

a) Allah avugwa kw’ari mukuru kuruta igihugu cose kiganzwa na Islamu ariko ntigikurikize gushira mu ngiro Shari’a yose ukw’iri. Aba Muezzin rero batera akamo mur’iryo hamagara ku babumva bose kugumukana ubutegetsi bwose bw’aba Islamu butubahiriza ububasha bwa Shari’a. Mu bihugu vyitirirwa Islamu, abizera basabwa kwiyumvira kubatarashika ku kwizera bakabiyegereza, binashitse bakaniyitirira izina rya Allah kugira ngo bashobore kubinjiramwo.

b) Allah avugwa kw’ari mukuru kuruta ubwoba n’ugukekeranya kwose kw’aba Islamu batinya guhangana n’umwansi wa Islamu ateza ingorane wese n’akarenganyo. Basezeraniwe kw’abamarayika babafasha mu gihe cose c’intambara. Bakwiye kwamana ivyizigiro vy’intsinzi naho boba ari inkehwa z’aba Islamu ku ntagondwa z’abansi ba Islamu n’iyo boba isinzi. Si bo bazotsinda umwansi wa Islamu ariko Allah ni we azirwanirira, akarandura, arikw’akoresheje abayoboke ba Islamu (Sura al-Anfal 8:17). Uyu murongo uhamagarira intagondwa za Islamu gukoresha igikenye no kwica ngo bakorera Allah.

c) Allah avugwa kw’ari mukuru kuruta abasenga ibigirwamana bose, abatizera, indyarya, Abayuda hamwe n’Abakristo. Abo bose baterwa akamo na ba Muezzin kuja mu masengesho ya buri musi. Gukubita inkoro n’agahanga gushika imbere ya Allah ni ikimenyetso c’uko bamaze guhinduka. Ariko kandi, Korowani igahamagarira intambara ata mpuhwe kur’uwo wese atemera ukwizera kwa Islamu (Suras al-Baqara 2:191-193; al-Anfal 8:60; al-Tauba 9:5,12-14,29). Abayuda n’Abakristo, mu gihe bemeye kwishikana bakumvira, bakemera guhindukirira Islamu nabo nyene baranenwa mu bihugu vyiganjemwo Islamu kand’ari naryo dini rya reta

d) Allah azwi kw’ari mukuru kuruta imana zose. Ububasha bwiwe buri hejuru y’ikirere n’ibintu vyose. Hari amabwirizwa abiri agenga ituma ry’abakozi b’abakwiragiza Islamu muri Korowani ritegeka k’umu Islamu wese ashobora gukoresha igikenye n’ibigwanisho vyose bishobotse gushika aho ata bigeragezo bizoba bikirangwa mw’isi vyo guhakana Allah (Suras al-Baqara 2:193; al-Anfal 8:39).

Azibonerako amakuba mur’iyi si ya none no mu bihe biri imbere ugerageje kwihweza ingene Islamu ikwiragira ku muvuduko ifise (Suras al-Baqara 2:7; al-Tauba 9:101; al-Ahzab 33:57; al-Djathiya 45:9; al-Mudjadila 58:5.16; ...). Muri Indoneziya aba Islamu benshi cane barasemereye mu kuvuga ngo: “Allah ni mukuru” imbere yuko bafata ku nguvu abigeme b’abashinwa b’Abakristo ngo bariko barabahana nk’aho vyemewe n’amategeko kuko batemeye guhindukirira Islamu. Saddam Hussein yambaye impuzu zitamenwa n’amasasu igihe yavugishwa ku ntsinzi ya Allah ku Banyamerika n’Abongereza. Ku gihome c’inzu nta kindi cari canditseho uretse ibendera yariko irahungabana yanditseko: “Allah ni mukuru”. Kuri we na Ben Laden, gukoresha ibirwanishwa vya ruhonyanganda cari igikorwa ca Allah.

e) Mbega Allah yoba ari mukuru kuruta Islamu? Incamake y’ukwizera kwa Islamu kurimwo imitego. Akahise kitwa Sufi (Ibitito vya Islamu cank’amareba) ibifatanye na (turuq) ni ivyo kwitondera ukurikije Shari’a n’uko basenga mu musigiti kuko Allah bamurutisha kure ivyagezwe vyiwe n’ibindi vyose bijanye na Islamu nk’ingingo afata. Hari n’abagerageza kurimbura mu masengesho yo kwiherera kugira ngo barabe ko boshikira Allah ubwiwe, bagashaka kumwinjirira naho bidakunda no kugira ngo banashike kure y’impwemu ziwe. Hari naho biyumvira ko boshobora kumushikira bakoresheje amangetengete yabo. Biyobagiza kw’abafiseko ububasha (Suras Al ‘Imran 3:7,23; al-Ma’ida 5:59; al-Nur 24:35-36; ...).

f) None Allah yoba ari mukuru kuruta ukw’ari? Muri Korowani, Allah yiyita we nyene Umwirasi w’ubwibone, yinezererwa mu karanga kiwe (Sura al-Haschr 59:23). Akamo k’aba Muezzin hamwe n’umugenzo wo gusenga vyerekana ko Allah atari mukuru gusa, ariko ubukuru bwiwe bwiyongera ku mwanya n’umwanya. Non’aha ntibigaragaza bwa bwibone bwa Satani nk’icaha, vyatumye ahereza gukororerwa mw’isi no kuzimiza abamukurikira bose?!

Yesu ariko aratandukanye. Yicishije bugufi yigira ubusa mu guhinduka umwana w’uruyoya no mu kuvukira mu bwato bw’inka (Luka 2:9-12). Yigize umugurano kandi atubera icitegererezo, atako anadugeka ibikurikira: “Mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima” (Matayo 11:29). Yaricishije bugufi gushika nah’asuzugurwa na bose; bamuvuma amate, arashishagurwa biteye isoni gushika nah’adupfira ku musaraba (Yesaya 53:3-12; Matayo 26:66-67; Luka 22:63-65). Kuko yemeye kumanuka gushika hasi mu kwicisha bugufi gushika i kuzimu, Imana yamushize hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose, kugira ngw’amavi yose az’apfukame mw’izina rya Yesu, ay’ivyo mw’ijuru n’ay’ivyo kw’isi n’ay’ivy’i kuzimu, kand’indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro (ab’I Filipi 2:6-11).

Ukwicisha bugufi kwose kwa Yesu guha kwidegemvya abamukurikira bose kuri Satani n’ubwibone bwiwe, kukabigisha kw’Imana itabamwo ubwibone muri Yo ahubwo yicisha bugufi na ntaryo. Umusaraba utubohora kwa kwihenda yuko dutsindanishirizwa kubw’ibikorwa vyacu kandi ukatwugururira imiryango y’ubugingo budashira ku buntu bw’Imana yacu. Ubugwaneza bwa Yesu Kristo butwereka kw’ugusangira Mpwemu mu rukundo rwayo gukomeye mu kuguha ububasha burengeye igisoda kigezweho co mw’isi cuzuye ubusuma n’agahahazo karenze ukwemera (Matayo 5:44; 26:52). Umwami wacu yemeye kubambwa akazuka mu bapfuye ni inyishu ku kamo k’ahitanguye ku munara. Yahinduye amasengesho yacu mu kudukura mu vyo kwiganyira ku vy’urubanza rwimirije abatubaha Imana ahubwo tukayitazira hamwe no kuyisenga muri bwa Butatu Bweranda bwayo.

2.08 -- Akamo k’Inkengeri mu rusengero

Kuva kera hose mbere y’uko Islamu yamamara, Abakristo bavuza inkengeri bahamagarira abantu gusenga. Mu gasongero hejuru cane y’insengero baha hari inkengeri zibiri, zitatu canke nyinshi kandi imwe imwe yari ifise ic’isobanura mu guhamagarira abagomba kwitaba akamo ko gusenga.

Inkengeri itangaza urupfu zari izimenyesha ko hari umunyeshengero ashengeye canke yitavye Imana, kand’ikaba yibutsa isengesho rya Mose: “Mwami, utwigishe guharura imisi yacu, uburyo butuma dutunga imitima y’ubwenge” (Zaburi 90:12)! Mw’ico gihe nyene, iyo yongeye kuvuga iba ihamagarira kwihana no guhindukiriza umutima ku Mana ku witahira kwa Data. Ubutumwa bwayo bwinjira mu matwi no mu mitima y’abayumva: Mwihane – kuk’ubwami bwo mw’ijuru buri hafi (bisobanura ngo mwihane muhindukire mu gihe Imana ikibahaye akaryo ko guhindura imibereho yanyu! (Matayo 4:17).

Inkengeri y’umusaraba ivuga isaha zitatu zo mu gatondo, ari naco gihe Yesu Kristo yabambwa ku musaraba agakubitwa imisumari (Mariko 15:25; Yohana 19:14), isaha zitandatu, ari nayo saha umwiza/umwijima wakwiragira isi yose (Matayo 27:45) n’isaha icenda zo ku muhingamo, igihe Kristo yapfa (Mariko 15:34), kugira ngo dutahure kw’ivyaha vyacu vyabamvye Umwami n’Umukiza wacu ku musaraba! Ukwo ni nakw’inkengeri y’umusaraba iy’ivuze iba yibutsa intsinzi ya Yesu Kristo ku burake bw’Imana, ibirego Satani aturega imbere y’Imana n’ububasha ku caha, kugira ngo twakirane akanyamuneza no gushima ubuntu Imana yatugiriye mu kudutsindanishiriza rwose (Yohana 19:30; Abaheburayo 10:14).

Akamo k’inkengeri y’amasengesho kumvikana mu gatondo kare, isaha zitandatu no ku mugoroba kugira ngo itwibutse igihe co gushima, guhimbaza no gutazira, kwinginga no gusengera abandi, kwatura ukwizera kwacu no kwihana ivyaha vyacu kugira ngo dushobore guhangaza Imana yacu ari we Data. Iyo nkengeri nyene iy’ivuze isaha zitandatu, iba ihamagarira umusenzi wese guhagarara ashikamye mu bigeragezo bitandukanye vya antikristo yamaze kuza mw’isi kurwanya abera, ikadutumirira gusoma no kurimbura ijambo ry’Imana kandi ngo tugire amahoro y’imitima yacu mu gusangirira hamwe nk’abizera (1 Yohana 2:22-25; 4:1-5).

Iciyongera kur’ivyo vyose, amashengero menshi afise inkengeri itegurira umubatizo ugiye kuba, ivugira hejuru iy’umwana avutse ubwa kabiri mu kubatizwa, kuko mu kwizera no kubatizwa, aba aronse ubugingo budashira mu Mwana w’Imana yinjiye kuganza ubuzima bwiwe (Matayo 16:16; 28:19; Yohana 3:3,5,16).

Hamwe hamwe, amashengero manini usanga afise ico bita “Inkengeri ya Dominika”, ibura kw’ibirori vyo gushima Imana kuw’Imana bigiye gutangura, mu kwibutsa Abakristo ukuzuka kw’Umwami Kristo mu bapfuye hamwe no kwamamaza intsinzi ya Kristo ku rupfu. Ico gihe nyene, ni nk’aho ishingira intahe ivyizigiro vy’ukuri vy’ubugingo budashira ku bemeye gukurikira Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza (1 Petero 1:3-7).

Amashengero amwe amwe ya Katorika akomeye afise n’ “lnkengeri ya Gloria”. Ku misi mikuru ihambaye, ivuga itegurira uguhimbaza no gutazira kw’ibihe bitazoshira baninahaza Umucunguzi kubw’agakiza ku buntu Data yatanze mu Mwana wayo na Mpwemu Yera ku bana biwe bose aho bari hose (Luka 2:14; Ivyahishuwe 7:9-12).

Mbere y’umushengero wo guhimbaza no gutazira kuw’Imana, inkengeri zose uretse iyo yitwa iya “Gloria” zivugira icarimwe mu guhamagarira abantu kwihana no kwakira Ubuntu bw’Imana, gusenga no gushima, kwizigira Imana muri vyose kubw’ubwizigirwa bwayo no kwakira amahoro yayo y’ibihe bidashira.

Uwizera w’umutima wese yumva izo nkengeri amenya kw’umusi ugabanijwemwo ibihetangabo gushika ku ndwi uko ziza ziravuga, mu kubahamagarira kurenguka mu bwiza bw’Imana mu Butatu Bweranda: izivuga kare kare mu gatondo mu mutwezi, izivuga isaha zitatu z’agatondo, isaha zitanu, isaha zitandatu, isaha icenda, iz’amasengesho yo ku mugoroba. Ivyo vyatanguriye mw’ishengero ry’i Württemberg kuva mu mwaka wa 1956 arik’ubu vyagiye bihindagurika ukw’ibihe vyagiye bikurakuranwa.

Kimwe gusa twomenya n’ukw’izo nkengeri zitaduhamagarira ibikorwa vy’ukugororoka kubwacu no kwitondera ivyagezwe. Ntiziduhamagarira kwitaba Intambara Nyeranda nka Islamu. Ahubwo ni izo kudukangurira gukesha no kugaba ngo ntituve mu bwiza bw’Imana Data, Umwana na Mpwemu Yera, nk’Ubutatu Bweranda (Abanyefeso 2:4-10).

Iyo twumvise izo nkengeri twiyumvira iki? Ni nde yoba yiyumvira ko har’ico zituburira iyo zivuze? Zoba ziduhamagarira natwe kwitwararika wa mwanya mwiza wo kwiherera? Ni nde yibuka gusenga no kwingingira abataramenya Imana cank’abibagiwe wa mwanya mwiza wo gusenga? Ni nde yibuka gusengera abakozi b’abanyamahanga cank’aba Islamu bari mu micungararo? Iy’inkengeri nk’izo zitakivuga nka mbere mu gihugu cacu nk’ukw’ubu biri mu bihugu vy’Uburusiya, hari benshi babona kw’ibintu vyayangaye.

2.09 -- UTUBAZO

Mwene data Musomyi,
Nimba wize aka gatabu neza cane, ushobora kwishura vyoroshe ibi bibazo bikurikira. Uwo wese yokwishura ku bice 90% ibibazo vyose biri muri utu dutabu indwi uko biri neza, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo ruvuye mu kigo cacu ku bijanye

N’inyigisho zo ku rwego rwo hejuru
mu gutahura imizi ya Shari’a muri Korowani

nko gutera intege uwo wese azobandanya akora igikorwa ca Kristo. Vyoba vyiza cane hamwe munyishu zawe woza urashiramwo imirongo yo muri Korowani.

  1. Vuga ico Umunara usobanura.
  2. Akamo ka “Allahu akbar” gasobanura iki ku vyaremwe vyose?
  3. Allah aruta gute impwemu zose ushizemwo na Mpwemu Yera?
  4. Allah aruta gute ivyo bose bamwiyumvirako? Ibi vyigisha iki ku kumenya Imana kuri Islamu?
  5. Korowani isobanura gute ko Allah aruta Kristo kand’aruta ukwizera kwose muri We?
  6. Kuki aba Islamu barwana urudaca mu kwizera kwabo kw’ata yindi Mana atari Allah?
  7. Kubera iki aba Islamu bizera Muhamedi bakamwumvira?
  8. Akamo kavuga “Ni muze gusenga” gasobanura iki?
  9. Kuki umu Islamu yiyoza mbere yo gusenga buri gihe nk’uko bitegetswe?
  10. Umu Islamu akwiye gusenga kangahe ku musi?
  11. Bisobanura iki ku mu Islamu gusenga ibihetangabo birenga 100 avuga “Umwami wanje ahabwe icubahiro, ashirwe hejuru”?
  12. Umu Islamu akwiye kwunama akubita inkoro n’agahanga kose kangahe imbere ya Allah? Gusenga Allah gutyo bisobanura iki?
  13. Kubera iki umu Islamu yizera ko azororanirwa mu buzima bwiwe no mu Ntambara Nyeranda ni yasenga?
  14. Amasengesho y’Umukristo adandukanye gute n’ay’umu Islamu?
  15. Ni ibihe bintu bibiri Allah atuma abayoboke biwe muri Korowani? Bisobanura iki? Sura 2:193 na 8:39?

Mukwishura ibi bibazo Umuntu wese ararekuriwe gukoresha ibindi bitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu mu nyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagukomeza, akagutuma, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwose !

Abo musangiye umurimo,
Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:
info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on October 04, 2022, at 03:33 AM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)