Home -- Kirundi -- 03. Basic Differences -- 3 Cursed be those who confess: Christ is the son of God
Previous booklet -- Next booklet
03. ITANDUKANIRO HAGATI YA ISLAMU N’UBUKRISTO
3 - ARAVUMWE UWO WESE AVUGA KO KRISTO ARI UMWANA W’IMANA (SURA 9 :30)
Abagurano b’Umwami
Kimwe mu bikuru bitandukanya Islamu n’idini rukristo ni ukw’aba Islamu bahakana bakarengwa ukwizera kw’Abakristo ko Kristo ari Umwana w’Imana. Kubera iki? Ni iki muri Korowani kibatuma kurwanya urufatiro rw’ivyizerwa vy’abakristo? Mw’iyo ntambara simusiga hinyegeje iki mu kurwanya Ubutatu Bweranda bw’Imana?
3.01 -- ARAVUMWE UWO WESE AVUGA KO KRISTO ARI UMWANA W’IMANA (SURA 9 :30)
Abagurano b’Umwami
Kandi muzomenya ukuri,
kand’
Ukuri
kuzobaha kwidegemvya.
(Yohana 8:32)
ARAVUMWE UWO WESE AVUKA KO KRISTO ARI UMWANA W’IMANA! (Sura 9:30)
Uwusoma Korowani wese ntatahura mu kuvangavanga kwayo ibintu imvugo ya Sura al-Tawba 9:30: “Abayuda bavuga muri Uzeir (Ezra) ni umwana w’Imana, kandi aba Nazarene (Abakristo) bakavuga ko Mesiya (Kristo) ni umwana w’Imana. Ayo ni amajambo bavugisha umunwa wabo gusa mu guhuma amaso abayoboke babo. Allah arabica! Nabo kandi bapfa kuvyizera uko!”
اوَقَالَتِ الْيَهُودُ عُزَيْرٌ ابْنُ اللَّهِ وَقَالَتِ النَّصَارَى الْمَسِيحُ ابْنُ اللَّهِ ذَلِكَ قَوْلُهُمْ بِأَفْوَاهِهِمْ يُضَاهِئُونَ قَوْلَ الَّذِينَ كَفَرُوا مِنْ قَبْلُ قَاتَلَهُمُ اللَّهُ أَنَّى يُؤْفَكُونَ (سُورَةُ التَّوْبَةِ ٣٠:٩)ا
Nta na kimwe cerekana kw’Abayuda b’ico gihe ca Muhamedi mur’ico Kigobe c’abarabu kw’Abayuda basenga Ezira nk’Imana. Yari umwubahwa cane muri bo kubw’igikorwa kinini cane yakoze mw’ihindukira ry’Abayuda bavuye mu buhungiro i Babuloni bakagaruka kwubaka Yerusalemu nk’umurwa mukuru wabo no mukuwusubiza agateka kawo (mu mwaka wa 458 Yesu ataravuka). Igihugu c’Abayuda cari cahindutse agatukisha mu maso ya Muhamedi kuko kitagomba kubaho.
Korowani ubusanzwe ntiyoburamwo ivyo kunegurwa ku Bakristo. Abigishwa ba Yesu ntibigeze bitwararika ivya politike, ariko barizera ivy’ubwami bw’Imana mu mpwemu kandi bakubaha cane Yesu nk’Umukiza wabo n’Umwami yatumwe n’Imana. Impamvu Muhamedi yifatiye mu gahanga aba Nazarene akabacokora aho bita Yesu kw’ari Umwana w’Imana, n’uyu musi ni ko biri, ni ko bamwita, ni ivyo kuva kera nk’akahise; vyerekana kw’ico gihe hariho Abakristo baba kur’ico Kigobe c’abarabu bizera ko hariho Umwana w’Imana kand’afise Se wo mw’ijuru. Ivyo barabishingira intahe. (Sura al-’Imran 3:61).
Kubwa Muhamedi ntivyumvikana ku bantu baciyumvira nk’uko mu kwemera ko Allah afise umwana. Yabona kw’ivy’ari ugusubira inyuma mu vy’imigenzo ya kera ikwiye kuranduranwa n’imizi mu mitima y’abantu. Yaciye ahinduka igikoko c’inkazi mu kubarwanya yivuye inyuma:
“Allah yarabitiranije! (Allah yarabavumye! Munyandiko: Allah nabagwanye bose kandi nabice!)” (Sura al-Tauba 9:30)
اقَاتَلَهُمُ اللَّهُ (سُورَةُ التَّوْبَةِ ٣٠:٩)ا
Kubera iki Muhamedi yahakanye kw’Imana yogira umwana? Ni igiki catumye Muhamedi ahakana rwose ko Yesu yoba Umwana w’Imana? Hari impamvu nyinshi ariko twofatamwo zitatu nyamukuru:
- Maka, mbere ya Muhamedi, cari igisagara gisenga imana nyinshi, ni nawo wari umurwa mukuru. Ni ho hari na ca gitereko Ka’aba, kirimwo ibishushanyo vy’imana birenga 360, imizimu, n’ivyoserezwako vyose. Muhamedi hamwe na bagenzi biwe bane (Waraqa b. Nawfal, Ubaid Allah b. Jahsh, Uthman b. al-Hawartih and Zaid b. Amr) baciye bagerageza kurondera ingene bokwishingira iryabo dini ryoruta ayo yandi ahasanzwe (Hanifs). Ni ho badukana ivya Allah nko guhakana ivyizerwa vy’abandi, al-Lat, hamwe n’abakobwa biwe babiri Uzza na Manat (Sura al-Najm 53:19-22). Ni mw’ubu buryo Muhamedi yabona kw’Imana kugira Umwana kwoba ari ukuguma mu bupagani no mu madini atagira epfo na ruguru.
- Bifadikije idini ry’Abayuda b’i Hedjaz, za ngenzi ukw’ari zitanu (Hanifs nk’iko biyita) ni ho bamenya ko hari Imana imwe, Yahweh, Umwami (Gusubira mu Vyagezwe 6:4)! Ntiyigeze agira umwana n’umwe. Ico ni naco kibazo nyamukuru Umuherezi mukuru Kayafa yabajije Yesu kand’akaba ari naco Abayuda batemerera Yesu yokwiyita Umwana w’Imana (Matayo 26:63-68). N’uyu musi ni ko biri. Muhamedi rero yafashe bimwe mu vy’Abayuda b’aho mu Kigoba c’abarabu bizera mu kurwanya Abakristo b’i Hedjaz abishira muri Korowani.
- Muhamedi yabona kw’ari we muvugishwa wa nyuma yasubiriye ab’Isezerano rya Kera (Sura al-Ahzab 33:40). Kubw’ivyo ntiyashobora kwemera ko Yesu ari Umwana w’Imana. Kumwemera nk’Umwana w’Imana bisobanurwa ko yoba akwiye guca bugufi no kwemera kw’amuganza nk’Umwami wiwe. Ivyo rero ntivyari gukunda kuko yibona kw’ari we mboneza akongera akaba apfundikirira abavugishwa bose (Sura al-Ahzab 33:40). Yaremera ko Yesu ari mukuru w’abavugishwa bose imbere yiwe, ariko ntiyamwemera nk’Umwana w’Imana.
Islamu ni idini ryadutse inyuma cane y’ubukristo ! Bisobanurwa ko Muhamedi yari yabanje gutohoza neza ivya Yesu akaboneraho guhakana ubumana bwiwe. Ni co gituma Islamu ryaje nka antikristo. Hari imirongo cumi n’indwi ya Korowani ihakana ikumywa kw’Imana idashobora kugira umwana kandi kubw’ivyo ko Kristo adashobora kuba Umwana w’Imana. Uwusomye iyi mirongo uko ari cumi n’indwi akayigako neza (Suras al Baqara 2:116; al-Nisa’ 4:171; al-An’am 6:101; Yunis 10:68; al-Isra’ 17:111; al Kahf 18:4; Maryam 19:35, 88-92; al-Anbiya’ 21:26; al-Mu’minun 23:91; al-Furqan 25:2; al Zumar 39:4; al Zukhurf 43:81; al-Jinn 72:3) aca abona ingingo ngenderwako Islamu yishimikiza mu guhakana kw’Imana ata mwana ishobora kugira.
3.02 -- Abakristo babwiye Ubutumwa Bwiza Muhamedi!
Hari aho muri Korowani igaragaza kw’Abakristo aba Nazarene ari bo bashobora kuba barasobanuriye Muhamedi kw’Imana ifise Umwana. Bisanzwe ari uko, bashobora kuba barakoresheje ijambo “walad“ risobanura umwana avyawe mu mubiri kubw’igisekuruza ca Yesu. Ni hamwe gusa boba barakoresheje ijambo “ibn“ bashaka kuvuga samuragwa. Har’ibihe vyinshi Abakristo batumira Muhamedi bakaganira ivya Kristo bakanamwinginga kwemera ubumana bwa Kristo, ibitangaza yakoze no kuba yaraduze mw’ijuru. Ivyo bikaba vyatumye ashavura cane, akabatwenga cane hamwe no kubakoza isoni kw’ata bwenge bagira (Suras al-Baqara 2 :116 ; al-Nisa’ 4 :171 ; Yunus 10 :68 ; al-Kahf 18 :4 ; Maryam 19 :30 35 na 88-92).
3.03 -- Muhamedi arwanije cane Abakristo
Ibihe vyinshi, Muhamedi yarwanije yivuye inyuma Abakristo abereka ko Allah aruta Kristo akoresheje ijambo “subhanahu“ (Yashizwe hejuru ya vyose na bose !), kand’aho, nta guharira. Muhamedi yarwanya abizera bose Umwana w’Imana mu kubereka ko Allah ari hejuru gushika aho abereka ko bategerezwa gucereza imbere yiwe. Ariko, hagize abatemera ivyiyumviro vyiwe bakamwereka kw’akwiye kwiyumvira kuruta mu kumuhanura neza n’ubugwaneza, yarahindukira ahubwo akabakankamira n’ishavu ryinshi yifadikije Korowani:
“Yogira ate umwana kandi atagira umugore?" (Sure al-An’am 6 :101).
اأَنَّى يَكُونُ لَهُ وَلَدٌ وَلَمْ تَكُنْ لَهُ صَاحِبَةٌ (سُورَةُ الأَنْعَامِ ١٠١:٧)ا
Ivyo vyatumye haba igice c’Abakristo bamwe bo mur’ako karere bashigikira ivyizerwa bivangavanze vy’ukwemera ubutatu bwa Allah, ari we Data, Mariya ari we Nyina w’Imana, n’umwana wiwe Yesu. (Sura al-Ma’ida 5 :116). Naho kandi hari abahakana ubwo butatu bweranda bw’umubiri nk’ubwo, ariko bagashigikira ubw’impwemu mu bumwe bwa Data, Umwana na Mpwemu Yera, aba Islamu benshi mur’ako karere hamwe n’Abakristo n’uyu musi bashigikira iciyumviro c’uko hariho Nyina w’Imana ; maze vya biganiro hagati y’abana ba Aburahamu bikagorana.
Muhamedi yarwanije ico ciyumviro gishaje mu kuvuga ati :
“Allah ntiyigeze abyara umwana, (Allah nta mwana mu byo umubiri yigeze agira) …” (“walad” ; Suras al-Isra’ 17 :111 ; al-Furquan 25 :2 ; al-Mu’minun 23 :91)
اوَقُلِ الْحَمْدُ لِلَّهِ الَّذِي لَمْ يَتَّخِذْ وَلَداً ... (سُورَةُ الإِسْرَاءِ ١١١:١٧)ا
“3 Ntabwo yabyaye kandi ntabwo yabyawe”. 4 “kandi nta wundi ungana na We” (Sura al-Ikhlas 112:3-4).“ (Sura al-Ikhlas 112:3-4).
ا٣ لَمْ يَلِدْ وَلَمْ يُولَدْ ٤ وَلَمْ يَكُنْ لَهُ كُفُواً أَحَدٌ (سُورَةُ الإِخْلاَصِ ١١٢: ٣-٤)ا
Guhakana ivyizerwa vy’Ubutatu Bweranda vyitwa muri Korowani Sura y’ubwizigirwa kandi bikaba bitegerezwa kwaturwa igihe cose bariko barasenga muri ya masengesho yabo y’ibihetangabo bitanu ku musi.
Ahandi naho Muhamedi yanditse atya:
“… Allah ni Imana imwe rudende ! …” (Iyo hazakuba Imana zibiri, mw’ijuru hovyutse ukugarariza kutitezwe)” (Suras al-Nisa’ 4 :171 ; al-Mu’minun 23 :91 ; al-Zumar 39 :4)
ا... إِنَّمَا اللَّهُ إِلَهٌ وَاحِدٌ ... (سُورَةُ النِّسَاءِ ١٧١:٤)ا
Ngaha ni ho twumva kwa kwatura muri Islamu kw’ivyizerwa vya Isirayeli nk’uko tubisoma mu Gusubira mu Vyagezwe 6 :4-5 ; na Mariko 12 :29. Yesu we, ntiyagarukirije aho gusa nk’ukw’Isezerano rya Kera rivuga ariko ko mw’ihishurwa ryiwe mu kuvuga ati : “Jewe na Data turi umwe”, ntituri babiri ! (Yohana 10 :30).
Korowani yemeza ko “Allah ni We waremye ibyaremwe byose, ibiri mi ijuru n’ibiri ku isi. …” (Suras al-An’am 6 :101 ; al-Furqan 25 :2)
ابَدِيعُ السَّمَاوَاتِ وَالأَرْضِ ... (سُورَةُ الأَنْعَامِ ١٠١:٦)ا
Kubijanye n’inkomoko ya Yesu, dusoma „Igihe (Allah) ategetse ikintu avuga gusa ngo : ‘Baho,” kikabaho !” (Suras Al ‘Imran 3:47,59; Maryam 19,35)
اإِذَا قَضَى أَمْراً فَإِنَّمَا يَقُولُ لَهُ كُنْ فَيَكُونُ (سُورَةُ مَرْيَمَ ٣٥:١٩)ا
Nk’uko Muhamedi abivuga ngaha, ibi bivuguruza uko ndemeye y’i Nicene yateguwe, kw Abakristo bose bakwiye kwatura Umwami Umwe Yesu Kristo, Umwana w’ikinege w’Imana, yavyawe na Se imbere y’ibintu vyose; Imana y’Imana, Umuco w’Umuco, ni we Mana Nyakuri; yavyawe, ataremwe, akaba umwe na Data, ibintu vyose vyaremwe nawe!" Islamu yemeza nayo ibitandukanye n’ibi. Ivuga ko Kristo yaremwe kand’atavyawe! Twari dukwiye kwama twarura kenshi Ndemeye y’i Nicene mu mashengero yacu kukw’ari yo nyishu ya Mpwemu Yera twahawe aho duhanganye na antikristo wa Islamu.
Muhamedi yavuze ati muri Korowani: “Ibiri mu majuru no ku isi byose ni ibyiwe [Allah]” (Suras al-Baqara 2:116; al-Nisa’ 4:171)
الَهُ مَا فِي السَّمَاوَاتِ وَالأَرْضِ ... (سُورَةُ الْبَقَرَةِ ١١٦:٢)ا
Ni AL-Ghaniyu [uwihagije utajya agira uwo akeneracyangwa icyo akenera] (Sura Fatir 35:15)
اوَاللَّهُ هُوَ الْغَنيُّ ... (سُورَةُ فَاطِرٍ ١٥:٣٥)ا
Kandi Umuhanuzi Isa [Yesu] nta kindi yaricyo usibye ko yari umugaragu We. (Suras al Nisa’ 4:172; Maryam 19:30-93; al-Zukhruf 43:59)
الَنْ يَسْتَنْكِفَ الْمَسِيحُ أَنْ يَكُونَ عَبْداً لِلَّهِ ... (سُورَةُ النِّسَاءِ ١٧٢:٤)ا
Allah amufata uko yishakiye. Ashobora no kumuhana akamukuraho mu gihe yohirahira akiyita Umwana w’Imana! (Sura al-Ma’ida 5:17). Muhamedi aho hose ntiyari azi namba ubugwaneza n’urukundo Data afitiye Umwana wayo n’urukundo Umwana afitiye Se.
Kubwa Korowani, Allah mushobora vyose, segaba kandi nta n’umwe basangiye ububasha (Suras Bani Isra’il 17:111; al-Furqan 25:2; al-Zukhruf 43:83-84). Ni we wenyene ari hejuru ya vyose. Ariko Yesu nawe yavuze, haraciye imyaka irenga 600 na mbere yuko Muhamedi abaho ati: “Jewe nahawe ububasha mw’ijuru no mw’isi" (Matayo 28:18; Yohana 3:35; 13:3) kandi ati: “Nanje nicaranye na Data ku ntebe yiwe." (Ivyahishuwe 3:21)
Allah wa Korowani azi vyose (Suras al-An’am 6:101; al-Anbiya’ 21:28; al-Zukhruf 43:84-85). Amenya ivyinyegeje vyose n’ibwina mu kuzimu n’ivyuguruye vyose mur’ubu buzima turimwo. (Sura al-Mu’minun 23:92). Yatoranirije kuva kera uw’ari we wese n’ic’ari co cose nk’uko yabigabiye (Sura al Furqan 25:2). Kubw’ivyo ntawushobora kuba n’uwa kabiri mu bubasha i ruhande rwa Allah, kuko navyo vyari bikwiye kuba vyarateganijwe kuva kera hose nawe nyene. Allah ni we wenyene azi isaha ya nyuma n’umusi w’amateka (Sura al Zukhruf 43:5). Aba Islamu bamwe bafatira ku gishingantahe ca Yesu kw’ata n’umwe, na Yesu ubwiwe azi isaha y’ukuzuka uretse Data (Matayo 24:36; Mariko 13:32; Ivyakozwe n’intumwa 1:7).
Ubudasa n’ubukomezi burenze uko umuntu yokwibaza vy’Umuremyi bikuraho ukugira umwana k’uruhande rwa Allah ubwiwe. Muhamedi yibaza: “Byashoboka bite ko Allah abyara umwana?” (Sura al-An’am 6:101)
اأَنَّى يَكُونُ لَهُ وَلَدٌ ... (سُورَةُ الأَنْعَامِ ١٠١:٦)ا
Muhamedi yakomeje ashimangira ati: “Ni ikintu kidakwiriye [icybahiro n’ubutungana bya] Allah, ko hari uwamuvugaho koyabyaye umwana!” … (Sura Maryam 19,35)
امَا كَانَ لِلَّهِ أَنْ يَتَّخِذَ مِنْ وَلَدٍ سُبْحَانَهُ ... (سُورَةُ مَرْيَمَ ٣٥:١٩)ا
Uku kwatura ariko ntikujanye n’ukwidegemvya imbere ya Mushobora vyose! Intahe ya Data ku Mwana wayo Yesu Kristo ni iyi: “Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara, ni mumwumve!” (Matayo 3:17; 17:5)
Muri Sura Maryam 19:92, Muhamedi abandanya yiyamiriza iyo ntahe atangazwa n’uko bomekera umwana ku Munyempuhwe kand’Umwami Umunyempuhwe atavyara n’umwe! Nta kirimwo kitumvikana kuvuga ko Mushobora vyose ashobora no kugira uwumwamukako nk’Igishitsi gikuru. Ashatse umwana, anashoboye kugira umwe yihitiyemwo ubwiwe. Uwo Mwarabu yiyita umuvugishwa ntatahura ububasha bwa nyene imanza ziroranye, ntatahura ukwera kw’Imana nyene guca imanza zibereye ariko kandi yuzuye urukundo rutagira akagero. Icagoye uwo muvugishwa w’umwarabu gutahura ni urupfu nk’impongano y’ivyaha ku mweranda Umwana w’Imana. Ubutumwa Bwiza nk’uko bwanditswe na Yohana 3:16 ntibwumvikana muri Islamu. Ku ba Islamu ntibikenewe, ntibunumvikana ndetse kuri bo ni ukurogota.
[Muhamedi we]! Babwire: “Iyo AL-Rahman [Nyirimbabazi (Allah)] aza kuba afite umwana w’umuhungu [nkuko abakrisito], nari kuba uwambere mu kumugaragira no kumusenga [kuko yaba ari umwana w’Imana yanjye].” (Sura al-Zukhruf 43:81)
اإِنْ كَانَ لِلرَّحْمَانِ وَلَدٌ فَأَنَا أَوَّلُ الْعَابِدِينَ (سُورَةُ الزُّخْرُفِ ٨١:٤٣)ا
Kuri Islamu, ico ni nk’ikinyoma. Ariko muri Filipi 2 :6-11, ni ho uwo muvugishwa yokubitira hasi amavi yose ahavugwa ivy’umusi w’amateka, akemerana ubwoba ko Yesu Kristo ari Umwami mu cubahiro ca Se mw’ijuru !
Sura al-Djinn 72:1-15 urahinyura cane abibesha mu bwenge bwabo harimwo n’Abakristo bagisinziriye. Havuga ingene impwemu (djinn) zahindukiriye Islamu mu kwizera nazo zitazira Uwuri Hejuru ya vyose nk’uko zikesha umunezero wose mu kuba ataravyaye abana ! Ariko kandi, “Umurogosi w’umurwanizi” yagararije Imana (mu kurwanya kw’Imana itavyaye, maze agatsindagira ivyiyumviro vy’ubugarariji mu mitima ya benshi nk’abagomba kumuvugira nk’abungere (abapasitori) n’abavugabutumwa ku buryo ari bo bazimiza benshi mu butumwa bavuga bwo kurogota kuri Allah. Ariko Yakobo nawe yemeza ukuri kw’abadayimoni ko bariho, akabavugako atya : “Wemera yukw’Imana ari imwe. Ugize neza ; abadayimoni na bo baravyemera, bagahinda agashitsi." (Yakobo 2 :19)
3.04 -- Urubanza kubashingira intahe Kristo
Ngibi ivyo Korowani ivuga ku vy’uko Yesu ari Umwana w’Imana:
"88 Abavuga bati : ‘AL-Rahiman [Nyirimbabazi (Allah)] yabyaye umwana cyangwa abana’, 89 Iki kintu muvuga ni ikintu kibi cyane kandi giteye isoni, 90 gituma amajuru yenda gusandara, n’isi ikenda gusatagurika, n’imisozi ikenda gutigita nk’iyenda kuriduka ngo ive aho yari iri, isandare uduce duce twayo turwe hirya no hino, 92 kandi rwose bidakwiriye [kuvugwa] ko AL-Rahiman [Nyirimbabazi (Allah)] afite umwana." (Sura Maryam 19:88-92)
ا٨٨ وَقَالُوا اتَّخَذَ الرَّحْمَانُ وَلَداً ٨٩ لَقَدْ جِئْتُمْ شَيْئاً إِدّاً ٩٠ تَكَادُ السَّمَاوَاتُ يَتَفَطَّرْنَ مِنْهُ وَتَنْشَقُّ الأَرْضُ وَتَخِرُّ الْجِبَالُ هَدّاً ٩١ أَنْ دَعَوْا لِلرَّحْمَانِ وَلَداً ٩٢ وَمَا يَنْبَغِي لِلرَّحْمَانِ أَنْ يَتَّخِذَ وَلَداً (سُورَةُ مَرْيَمَ ١٩: ٨٨-٩٢)ا
“Mu by’ukuri kuri ibi (Ko Imana ifise umwana, twisunze umurongo wa 4) Ntabumenyi bafiteho. Mbega ukuntu amagambo ava mu minwa yabo ari mabi cyane!Nta kintu kizima bavuga [muri byo] uretse ibinyoma gusa.” (Sura al-Khaf 18:5)
امَا لَهُمْ بِهِ مِنْ عِلْمٍ وَلاَ لآبَائِهِمْ كَبُرَتْ كَلِمَةً تَخْرُجُ مِنْ أَفْوَاهِهِمْ إِنْ يَقُولُونَ إِلاَّ كَذِباً (سُورَةُ الْكَهْفِ ٥:١٨)ا
“…Ibi nibyo bavugisha iminwa yabo, [batabanje kubitekerezaho]. Kubirebana n’ibi bavuga, rwose birasa n’ibyavugwaga n’abahakanyi babayeho mbere yabo. Allah yarabavumye. Ariko se barayoba bagana he?” (Sura al-Tauba 9:30)
اذَلِكَ قَوْلُهُمْ بِأَفْوَاهِهِمْ يُضَاهِئُونَ قَوْلَ الَّذِينَ كَفَرُوا مِنْ قَبْلُ قَاتَلَهُمُ اللَّهُ أَنَّى يُؤْفَكُونَ (سُورَةُ التَّوْبَةِ ٣٠:٩)ا
“Twabahishuriye ukuri; ariko mu by’ukuri babandanya bavuga ibinyoma.” (Sura al-Mu’minun 23:90)
ابَلْ أَتَيْنَاهُمْ بِالْحَقِّ وَإِنَّهُمْ لَكَاذِبُونَ (سُورَةُ الْمُؤْمِنُونَ ٩٠:٢٣)ا
Muhamedi yarwanije Abakristo yemeza: “Baravuze bati: ‘Allah afite umwana!’ [Allah] arihagije!... Ntagihamya mufite. Mbese muravuga kuri Allah ibyo mutazi?” (Sura Yunus 10:68)
اقَالُوا اتَّخَذَ اللَّهُ وَلَداً سُبْحَانَهُ هُوَ الْغَنِيُّ ... إِنْ عِنْدَكُمْ مِنْ سُلْطَانٍ بِهَذَا أَتَقُولُونَ عَلَى اللَّهِ مَا لاَ تَعْلَمُونَ (سُورَةُ يُونُسَ ٦٨:١٠)ا
Muhamedi ntiyavuye kwizima ryo kwigisha no guhanura Abayuda n’Abakristo ngo biyegereze bamenye agaciro kabo: “Nta numwe yaba uwo mu majuru cyangwa uwo ku isi utazaza imbere ya AL-Rahiman [Nyenimbabazi (Allah) ngo icire bugufi ubutware Bwe [kandi anacirirwe urubanza ku ibyo yakoze akanavuga byose]. (Sura Maryam 19:93)
اإِنْ كُلُّ مَنْ فِي السَّمَاوَاتِ وَالأَرْضِ إِلاَّ آتِي الرَّحْمَانِ عَبْداً (سُورَةُ مَرْيَمَ ٩٣:١٩)ا
Kubw’ivyo, abamarayika bose, hamwe n’impwemu n’Umwana wa Mariya ubwiwe baramukorere (Allah) (Sura Maryam 19,93).
“Masih [Mesiya Yezu mwene Mariya] n’Abamalayika b’ibyegera ntibanga kuba abagaragu ba Allah. Uzanga kumugaragira abitewe n’ubwibone, abo bose azabakusanyiriza hamwe imbere Ye…” (Sura al-Nisa’ 4:172)
الَنْ يَسْتَنْكِفَ الْمَسِيحُ أَنْ يَكُونَ عَبْداً لِلَّهِ وَلاَ الْمَلاَئِكَةُ الْمُقَرَّبُونَ ... (سُورَةُ النِّسَاءِ ١٧٢:٤)ا
Hamwe n’ivyo, abigishwa biwe ntibafise uburenganzira bwo kwiyita abana b’Imana n’abakundwa nayo: ahubwo bari bakwiye kwizera Islamu mu kwatura kw’ari abagurano ba Allah (Sura al-Ma’ida 5:18). Muhamedi yashaka kw’Abayuda bose, Abakristo bose n’Abapagani bose, atibagiye n’abamarayika hamwe na Mpwemu w’Uwera, na Kristo ubwiwe bokwemera bakizera Allah, Uwashizwe hejuru ya vyose kugira ngo baje hamwe n’abandi ba Islamu.
3.05 -- Imburi za Muhamedi n’itegeko ryiwe rirwanya abahawe igitabu
Muri Sura al-Kahf 18:4 Muhamedi atanga inyigisho ati: “Burira abo bose bavuga ko Allah afite umwana!”
اوَيُنْذِرَ الَّذِينَ قَالُوا اتَّخَذَ اللَّهُ وَلَداً (سُورَةُ الْكَهْفِ ٤:١٨)ا
Umunezero wo kuri iyi si ni uw’akanya gato gusa! – hanyuma bose bakazagaruka aho turi, maze Tubasogongeze ibihano bikomeye kubera ubuhakanyi [bwabo]. (Sura Yunus 10:70) Muhamedi aca agenda ahitanguye kugira ahishure, ko “Haramutse hagize umwe [mu bamalayika cyangwa mu bantu] avuga ati: “Jye ndi imana atari We! Icyo gihe igihano yaba akwiriye ni ugushirwa muri Jahanamu, uko niko duhana inkozi z’ibibi.” (Sura al-Anbiya’ 21:29)
اوَمَنْ يَقُلْ مِنْهُمْ إِنِّي إِلَهٌ مِنْ دُونِهِ فَذَلِكَ نَجْزِيهِ جَهَنَّمَ كَذَلِكَ نَجْزِي الظَّالِمِينَ ... (سُورَةُ الأَنْبِيَاءِ ٢٩:٢١)ا
Umuvugishwa abwira Abakristo kandi anababurira: “… Ntimukavuge, ngo Allah agizwe n’ ‘ubutatu’. Rwose [iyo myemerere] muyireke burundu kandi nibyo byababera byiza! Kandi Allah arihagije kuburyo ntawundi akenera wo kubibeshaho no kubirinda.” (Sura al-Nisa’ 4:171)
ا... وَلاَ تَقُولُوا ثَلاَثَةٌ انْتَهُوا خَيْراً لَكُمْ إِنَّمَا اللَّهُ إِلَهٌ وَاحِدٌ ... (سُورَةُ النِّسَاءِ ١٧١:٤)ا
Igihe kimwe umunyamategeko wa Islamu bamubajije ic’ivyo vyanditswe vyabo bisobanurwa, yashubije mu kwerekana ikimenyetso kw’igihano ari ugucibwa agatwe!
Mur’iyo Sura y’ukwihana, usomye neza urabonamwo neza ko Allah yipfuza kw’aba Islamu bose kw’isi kurwanya abahawe igitabu (ubwoko bw’Imana cank’Abakristo) bivuye inyuma, bakabazana ku nkoni mu kwizera Islamu. Muhamedi yarabitomoye neza ati:
“Nimugwanye abatemera Allah ndetse n’abatemera iby’ubuzima bubaho nyuma y’ubu bw’isi,
batanaziririza ibyo Allah n’Intumwa yiwe yaziririje, ntibanemere idini ry’ukuri [ari ryo Islamu], bo muri ba Ahl AL-Kitab [Abayahudi n’Abakristo];
[bagwanye] kugeza ubwo bazemera gutanga umusoro k’ubushake bwabo nk’ikimenyetso cy’uko bububaha [ubutegetsi bwa Kisilamu]
kandi baciriye bugufi [amategeko ashyirwaho n’ubwo butegetsi].”
(Sura al-Tauba 9:29)
Icarabu gifise amajambo atatu atandukanye asobanura amatati:
● Kifah ni iyo hari amatati mu guharira canke kudahuza mu vy’ubwenge. Ivyo ntabibaho muri Korowani!
● Djihad ni ukwitanga wese kubwa Allah gushika no ku rupfu, ukoresheje inguvu zawe zose n’ivyawe vyose, harimwo no gufata ibirwanisho.
● Qital bisobanura kurwana ukoresheje intwaro zose zishobotse. Ukica bishobotse.
Muhamedi yategeka ko bategerezwa gufata Abayuda n’Abakristo nk’abagurano babo hakoreshejwe ingingo ya gatatu. Iyobokamana ryiwe ryasigura ugutsindanishirizwa biciye mur’iyo nzira ahanini:
Ntibasangiye ukwizera n’aba Islamu muri Allah, abamarayika biwe n’impwemu, ibitabu vyiwe, abaserukizi biwe (intumwa) hamwe n’abavugishwa biwe, abo yatoranije hamwe n’ukuzuka kw’abapfuye utibagiwe ko birengagiza ko hariho Paradizo na Gehinomu (umuriro udahera (Ivyo ni ibintu bitandatu bikuru bikuru Islamu ihagazeko mu kwizera).
Ntibagamburukira Ivyagezwe vya Islamu (Shari’a) n’amabwirizwa yose ayiturukako mu gusenga n’ibijanye vyose n’ubuzima bwa buri musi nk’uko vyateganijwe mu ngingo ngenderwako 500 hamwe n’ibidakwiye gukorwa.
Nta ngingo ibaho yindi yokwishimikizwako y’idini iy’ari yo yose imbereya Allah (Sura Al ’Imran 3:19). Abatamwemera barazimiye kandi barahawe Ivyanditswe vyahumetswe biturutse mw’ijuru.
Aba Islamu bavangiwe cane cane ku vy’Abayuda ubwabo bababwira ko Ezira ari umwana w’Imana, mu gihe Abakristo nabo babamena amatwi bashaka kubemeza ko Yesu ari Umwana w’Imana.
Ku Bakristo, impamvu cane cane Muhamedi atabumva namba akabanka urunuka kand’agategeka ko nabo bogirwa abaja nk’abandi Bayuda, ni uko kuri we, uwo yabandanya kwizera Umwana w’Imana ari uwo gutsindwa n’urubanza, akaba yaravumwe na Allah. Intsinzi ku Bakristo kubw’icubahiro ca Allah cari igikorwa ca Muhamedi kidasubirwako. Impamvu Muhamedi yateje intambara ku Bakristo bose ni uko bizera uwabambwe, Umwana w’Imana!
Ivy’ubuzima bwa buri musi bw’abagizwe ingwati n’imbohe turabisoma mu gitabu canditswe na Ibn al-Arabi’s „Ahkam al-Koran “igice ca I, urupapuro rwa 378, i Kayiro. Muri co, atangamwo insiguro nka cumi na zitanu zivuga kw’abo batsinzwe bategerezwa kwishura amakori yateganijwe. Havuga hatya:
„Abo bari bategetswe kuriha amakori y’agacinyizo muri izonkehwa bari babujijwe no kwurira kungamiya hejuru, ariko kugenda n’amaguru, bakariha ikintu cose mu ntoke atajambo urakoze babwiwe. Ikintu cose bakoze baticishije bugufi gituma bashobora gukubitwa canke bagacinyizwa. “
Aba Islamu bidegemvya ntibavyemera kuko hari iyindi mirongo muri Korowani yorosha ibintu, aho baca inkoni ngufi nk’uko Muhamedi yavuze ati:
… Imana yacu ko ariyo Imana yanyu… (Sura al-’Ankabut 29,46)
ا... وَإِلَهُنَا وَإِلَهُكُمْ وَاحِدٌ ... (سُورَةُ الْعَنْكَبُوتِ ٤٦:٢٩)ا
Nta gatuneko [(agahato) ako ariko kose kaba mu kwinjiza abantu] mu idini… (Sura al-Baqara 2:256)
الاَ إِكْرَاهَ فِي الدِّينِ ... (سُورَةُ الْبَقَرَةِ ٢٥٦:٢)ا
“Mufite idini ryanyu na njye mfite iryanjye”. (Sura al-Kafirun 109: 6)
الَكُمْ دِينُكُمْ وَلِيَ دِينِ (سُورَةُ الْكَافِرُونَ ٦:١٠٩)ا
Iyi mirongo yose hamwe n’iyindi isa nk’iyo muri Korowani n’uyu musi iracakora mu gihe Islamu igikorera mu bihugu itiganjemwo, kandi kubw’ivyo, ikwiye gucisha make, igakoresha ibiganiro. Ariko mu bihugu yiganjemwo, ntibikenewe kukw’ifise ububasha bwose bwo gukora ic’ishatse! Ni yo mpamvu iyi mirongo iha uburenganzira n’umwidegemvyo ku yandi madini yirengagizwa nk’iyitabaho. Itegeko rishirwa mu ngiro ni irya Shari’a gusa ku buryo Abakristo n’Abayuda batagira ijambo n’iyo boba abenegihugu kandi bakaba ari inkehwa.
Uwoba agikekeranya kur’ivyo yokwishikira mur’ivyo bihugu Abakristo ari inkehwa akihera ijisho ku bihakorerwa. Amamiriyoni n’amamiriyoni y’Abakristo bararenganywa mu biyaya vy’uruzi rwa Nile, mu bihugu vy’Ubuseruko vya Buraya, muri Turukiya, Irani, mu bihugu vya Aziya yo hagati no muri Pakisitani. Barakumiriwe mu bintu vyinshi, barasuzugurwa, hatibagiwe no guhamwa. Ibihugu kera vyari ivya rukristo bigahindukamwo ivya Islamu ku bice 90 kw’ijana harimwo n’ivyo muri Afrika yo mu buraruko, ibintu vyarunyutse kukw’Abakristo no kwicwa bitaburamwo. Abigishwa ba Kristo mu bihugu vy’i Burayi, muri Reta zunze Ubumwe za Amerika no muri Koreya y’epfo bari bakwiye kugira ico bakoze kuri bene Data birirwa baracurwa bufuni na buhoro mu bihugu vyiganjemwo Islamu. Igikorwa nyamukuru Islamu yategetse abayoboke bayo gukora casubuwemwo kabiri muri Korowani (Suras al-Baqara 2 :193 ; Sura al-Anfal 8 :39). Barwanye (mukoresheje n’ibirwanisho bikomeye) gushika aho gusenga ibigirwamana bitazosubira kurangwa mw’isi (uko ni ko havuga : gushika ata bigeragezo vy’ubuhakanyi bwa Allah bukibaho), Allah n’idini ryiwe araganje.
Iy’Abakristo bo muri Indoneziya bagerageje kwirwanako ngw’amashengero yabo ntasamburwe n’izo nkozi z’ikibi hanyuma hakagira aba Islamu bagwa mur’iyo mirwano n’imishamirano, ubutegetsi bw’aho mu gihugu ca Java (ikizinga kimwe mu ntara za Indoneziya) bwaca bukoresha ya Ntambara Nyeranda mu kwirara mubakristo no kubatikiza nk’abansi b’igihugu. Uko ni kw’ivyo bizinga vyose bigize ico gihugu vyifatiwe n’igisoda biciye mu ntambara. Abakuru b’amashengero, abungere, n’abavugabutumwa barabambwe, abagabo baricwa ugwagashinyaguro, abagore n’abana bahindurwa ku nguvu aba Islamu mu kwizera Islamu. Ivyo ni vyo Sura Al-Maida 5:33 itegeka! („Abarwanya Imana n’intumwa zayo bagateza akaduruvayo n’akajagari bategerezwa kwicwa canke bakabambwa babanje gucibwa amaguru; bitabaye ivyo bagateshwa izabo n’ivyabo. “) Ibinyamakuru vy’i Burayi nta kintu na kimwe banatangaza ku Bakristo bagiririwe nabi nk’uko mu bihe vyashize. Uwufise ugutwi, ni yumve!
3.06 -- Inyishu y’Ubutumwa Bwiza
Urwanko rwa Muhamedi n’ibibazo bituruka kuri Islamu vyose vyamuka ku bigisha ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana. Niyo mpamvu twotahura k’umuzi mukuru ari ivy’impwemu bihanganye ngaha; ah’ivyizerwa vya Islamu (aba Islamu) n’Abakristo nk’uko Yohana, Intumwa y’Urukundo abivuga (1 Yohana 2:22-24; 4:1-4) ari vyo biriko birarwana. Abivuga neza atya: „Ufise Umwana wayo, ni we afise ubwo bugingo; udafise Umwana wayo ntafise ubwo bugingo! “(1 Yohana 5:12) No mu Butumwa Bwiza, asa n’uwashatse kuvuga kuri Islamu ati: „Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira; arik’utumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’uburake bw’Imana buguma kuri we. “ (John 3:36)
Uwushaka inyishu nziza ku kibazo ca Islamu nk’Umukristo ayisanga muri Matayo 28:18-20: „Jewe nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi. Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data, n’iry’Umwana, n’irya Mpwemu Yera; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe iminsi yose gushitsa ku muhero w’isi. “ No mu Baheburayo 13:8 haremeza ivyo mu kwemeza ibanga ry’Ubutatu Bweranda mu Mana imwe rudende: “Yesu Kristo uko yari ari ejo, n’uyu munsi ni kw’akiri, ni kw’azokwama ibihe bidashira!”
Kukw’ariho, turiho; turamukunda kandi turamusenga tukamuhimbaza no kumutazira. Umunezero wacu wose watanguranye n’ivuka rya Kristo aje mw’isi, maze ridukuramwo agahinda kose n’ukwiganyira kuko tutagiterwa ubwoba na Islamu (Luka 2:10-11). Impuhwe Yesu yagiriye abarwayi n’abamerewe nabi bose, abarwaye abadayimoni n’abanyavyaha, vyerekana akaranga kiwe nk’Umwana w’Imana yuzuye urukundo rwose, umugwaneza kandi yicishije bugufi. Imbere yiwe ishusho ya Allah na Islamu yo kwica ugwagashinyaguro nta gaciro bifise namba. Intsinzi ya Yesu ku musaraba yaduhishuriye vyose kuri Data wo mw’ijuru, yama aduharura nk’abagororotsi imbere yiwe kubw’ikimazi c’impongano ca Yesu Kristo yatanze ku vyaha vyacu. Kubw’ivyo, Islamu nk’idini y’agakiza kubw’ibikorwa yamaze kwishira ahabona n’ivyayo vyose ko bitoduca intege ngo bidukange. Ukuzuka kw’Umwami wacu Yesu Kristo kuremeza neza ubweranda n’ukugororoka kw’Umwana w’Imana, kugashimangira ikimazi yatanze nk’impongano y’ivyaha hamwe n’ihishurwa ryose ry’ ubugingo budashira.
3.07 -- Yesu ni muzima ! - Muhamedi yarapfuye !
Kuba Kristo yaraduze mw’ijuru ni intsinzi nkuru idasubirwako, ihambaye cane. Ubu yicaranye na Data ku ntebe nk’Umwagazi w’intama w’Imana. Arakora igikorwa ciwe nk’Umuherezi mukuru anadusengera : „Turi umwe ! “ (Yohana 17 :22). Ibirego vyose Islamu yitwaza mu kurwanya Umwana w’Imana, bitsindwa n’ukw’ariho ibihe bitazoshira. Ntidutinye aba Islamu n’idini ryabo kukw’imigisha n’imihezagiro vya Yesu biruta kure cane umuvumo wa Muhamedi. Urukundo rwa Yesu ruduhimiriza gushika ku baboshwe na Islamu nk’idini tukabashira agakiza ku buntu gatangirwa mu Mwana w’Imana Wenyene. Tubasengere kandi twizera kw’amasengesho yacu azumvirwa kand’akishurwa!
3.08 -- UTUBAZO
Mwene data Musomyi,
Nimba wize aka gatabu neza cane, ushobora kwishura vyoroshe ibi bibazo bikurikira. Uwo wese yokwishura ku bice 90% ibibazo vyose biri muri utu dutabu indwi uko biri neza, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo ruvuye mu kigo cacu ku bijanye
N’inyigisho zo ku rwego rwo hejuru
mu gutahura imizi ya Shari’a muri Korowani
nko gutera intege uwo wese azobandanya akora igikorwa ca Kristo. Vyoba vyiza cane hamwe munyishu zawe woza urashiramwo imirongo yo muri Korowani.
- Umuvumo wa Muhamedi muri Sura 9:30 ku Bakristo bose usigura iki?
- Ni izihe mpamvu zitatu zatumye Muhamedi atemera ko Kristo ari Umwana w’Imana?
- Ni hehe muri Korowani handitse kw’Abakristo bagerageje gusigurira Muhamedi ko Kristo ari Umwana w’Imana?
- Ijambo “Subhanahu” risigura iki iyo Muhamedi ahakana ko Kristo ari Umwana w’Imana?
- Kuki Muhamedi ashimira Allah kuba adashobora kugira umwana?
- Hoba iki muri Islamu igihe horamuka hakaba Imana zibiri?
- Mu gihe Allah wa Korowani yoba ari segaba muri vyose, Kristo yoba ari iki muri Islamu?
- Mu gihe Allah muri Korowani yoba azi vyose kand’akaba ari we agenga vyose, kuki Kristo nawe adashobora kuba Imana?
- Kuki Muhamedi asuzugura Abakristo no kubatwenga mu kuvuga ko bisanzwe ko Allah yogira umwana, yobaye uwa mbere kumusenga?
- Ni he handitswe muri Korowani ko bitumvikana kandi biteye isoni kuvuga ko Allah afise umwana?
- Kubera iki abamarayika bose, abantu n’abadayimoni ari abagurano ba Allah, harimwo n’umwana wa Mariya?
- Muhamedi yihanije gute Abakristo kutongera gukikiriza bavuga kw’Imana ifise umwana?
- Ni hehe muri Korowani handitse kw’Abakristo batari mw’idini nyakuri kandi kubw’ivyo bakwiye kurwanywa hakoreshejwe n’ibirwanisho vy’umubiri?
- Ikori inkehwa z’Abakristo n’Abayuda b’inkehwa batanga rikaba ryitwa (Djizya) risigura iki?
- Kuki Muhamedi agitangura ibikorwa vyiwe vya Islamu mbere na mbere hose yemera akatura ngo: “Imana yacu n’Imana yanyu ni imwe (ntibitandukanye)”? Kubera iki iyi mvugo uyisanga n’uyu musi mu bihugu bimwe bimwe aba Islamu ari inkehwa gusa?
- Kuba Yesu ari muzima, Muhamedi akaba yarapfuye, bisobanura iki?
Mukwishura ibi bibazo Umuntu wese ararekuriwe gukoresha ibindi bitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu mu nyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagukomeza, akagutuma, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwose !
Abo musangiye umurimo,
Abd al-Masih na bene Data.
Rungika inyishu zawe kuri:
GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY
Canke e-mail:
info@grace-and-truth.net