Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":

Home -- Kirundi -- 03. Basic Differences -- 4 Islam's denial of the crucifixion of Christ

This page in: -- Arabic? -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Indonesian -- KIRUNDI -- Portuguese? -- Russian -- Telugu

Previous booklet -- Next booklet

03. Itandukaniro hagati ya Islamu n’ubukristo

4 - UGUHAKANA IBAMBWA RYA KRISTO KWA ISLAMU

Umugurano w’Umwami

Ikindi gihambaye gitandukanya Islamu n’abakristo n’ingene Korowani ihakana urufatiro rwose rw’Ubutumwa Bwiza: Kristo yapfuye ku musaraba kugira ngw’adukize ivyaha vyacu! Kubera iki aba Islamu bahakana bakumya ukuri ko Kristo yabambwe none? Ni iyihe nkurikizi yinyegeje inyuma y’ivy’ukwo Islamu ihakana ikarengwa urupfu rwa Kristo Yesu azira ivyaha vyacu?



4.01 -- UGUHAKANA IBAMBWA RYA KRISTO KWA ISLAMU

Umugurano w’Umwami

Kandi muzomenya ukuri,
kand’
Ukuri
kuzobaha kwidegemvya.

(Yohana 8:32)

Uwuganiriye n’umu Islamu wese agera aho amwishura ko Yesu atigeze abambwa ko ahubwo habambwe uwundi muntu mu gishingo ciwe, akababazwa biteye ubwoba gushika aho apfa urupfu rubi.

Ubushakashatsi bwa Korowani bugaragaza ivyo bwerekana cane cane imirongo ine ibivuga nk’uko. Igihe carageze Muhamedi arwanya yeruye rwose ivy’ukubambwa kwa Kristo. Ubwa mbere na mbere mu ntango, yabanje kwemera ivy’urupfu rusanzwe rw’umwana wa Mariya. Mu nyuma, yigishije ko “Isa” yasinzirijwe gusa hanyuma akaduganwa mw’ijuru ari muzima. Amaherezo ya vyose, yahakanye n’ishavu ryinshi ko Kristo atapfuye ku musaraba.

Uwo wese acemeza ko hari amadini atatu asenga Imana imwe kandi akabigenderako mu kubishingira intahe yoba akwiye kubanza kwiga neza iyo mirongo uko ari ine ya Korowani kugira ngo ahumuke amaso kandi amenye ukuri kwuzuye no kugira mgo ntiyongere kwibesha.

4.02 -- Urupfu rwa Kristo – Inyuma y’ukugaruka kwiwe

Muri Sura Maryam 19:33, Muhamedi yavuze amajambo asa nk’ayo ku mwana wa Mariya ’Isa:

Amahoro yari kuri njye umusi navukiyeho,
azanambaho no ku musi nzapfirako,
ndetse no ku musi nzazukirako nkongera nkaba muzima.

اوَالسَّلاَمُ عَلَيَّ يَوْمَ وُلِدْتُ وَيَوْمَ أَمُوتُ وَيَوْمَ أُبْعَثُ حَيّاً (سُورَةُ مَرْيَمَ ٣٣:١٩)ا

Kwemera imihezagiro nk’iyo na Korowani iha Kristo ubwiwe bisobanurwa ko na Muhamedi yabanje guhuza n’abakristo muri bimwe bimwe. Aremeza ko kuva akivuka gushitsa apfuye, mbere n’inyuma y’ukuzuka kwiwe Kristo yamye agirirwa ibakwe na Allah nk’umwana wa Mariya.

Muri iri hishurirwa, isugi Mariya mu cubahiro ciwe, yarazigamwe kandi aronka icemezo ntahava ko yavyaye umwana w’umuhungu nk’uko Allah yari yabishatse kandi atigeze amenya icitwa umugabo. Na Korowani iremeza kandi igashingira intahe ko uwo mwana wiwe yari yaciye mu mategeko bitavuye ku gufatwa ku nguvu.

Uyu ni wo murongo wonyene muri Korowani wemera urupfu rwa Kristo. Ibi bigaca vyerekana ko Muhamedi mu ntango ashobora kuba yaratohoje mu kubaza Abakristo b’abagurano baba i Maka ku vya Kristo, noneho bakamwishura ko Umwana wa Mariya yaremwe mu nda ya nyina na Mpwemu Yera, akaba yarapfuye hanyuma akazuka mu bapfuye.

Mu nyuma ariko yisubiyeko mu guhakana ivyo yari yemeye mbere hose mu gusemura ukwo yishakiye ivyo yari yumvise kuri Kristo (Sahih Muslim, Bab al-Fitan wa Ashrat al Sa'a 246 247, 5218). Ni ko kwemeza ko ‘Isa’ atapfuye ariko yateruwe akiri muzima wese hanyuma akajanwa kwibera mu nyonga za Allah, akaba azogaruka ku muhero w’isi gusangangura no gusibanganya ibikorwa vyose vya Antikristo no gukuraho burundu imisaraba ku nshengero hamwe n’imva, akarongora, akica ingurube zose kandi nk’uwushinzwe kunagura Islamu, akazohindura benshi abagarurira muri Islamu nk’aho ari ryo dini nyakuri. Ni mu nyuma yo guheraheza igikorwa camuzanye azobona gupfa kandi agahambwa mu mva ya Muhamedi i Medina. Ukwo guhambwa kwiwe ni kwo kuzoba intango y’umuzo wa Allah aho azoba aje gucira amahanga imanza. Ni co gituma Korowani yise ukugaruka kwa Kristo "kumenyekana kw’isaha ya nyuma" (Sura al-Zukhruf 43:61).

Kwunguruza ivy’urupfu rwa Kristo gushika igihe c’aho azogarukira mu ndimburo si vyo kuko uyu murongo werekana urupfu rwa Kristo nk’ikintu coba cegereje kuzoba. Nta naho bigaragara muri ya Sura Maryam.

4.03 -- Gusinzirizwa kwa ’Isa no kunyakurwa kwiwe na Allah

Ukuri kuri Kristo kuravugwa henshi muri Korowani ariko guhindaguwe mu buryo butari bwo nk’uko tubisoma muri Sura Al ‘Imran 3:54-55:

54 [Abayuda] bagambanye [kwica Isa (Yezu)];
Allah naWe acura uwe mugambi wo kuburizamo akagambane kabo.
Allah niwe uhebuje abacura imigambi bose.
55 Ubwo Allah yavugaga ati:
Yewe Isa (Yesu) we!, nzagusinziriza (nzokwica),
nyuma nzakuzamura iwanjye.

ا٥٤ وَمَكَرُوا وَمَكَرَ اللَّهُ وَاللَّهُ خَيْرُ الْمَاكِرِينَ ٥٥ إِذْ قَالَ اللَّهُ يَا عِيسَى إِنِّي مُتَوَفِّيكَ وَرَافِعُكَ إِلَيَّ (سُورَةُ آلِ عِمْرَانَ ٣: ٥٤-٥٥)ا

Iri tangazo ryashizwe ahabona igihe Muhamedi n’abo yari arongoye babonanira n’umurwi w’abantu bashika nka mirongwitandatu b’abakristo b’i Wadi Nadjran (Yemen ya ruguru) barongowe n’umuzezwashengero w’akarere ka Emir al-Aqib Abd al-Masih yitwa Bishop Abu Haritha b. Alqama, bakaba bari baje aho nyene i Medina kwumva impwemu yari iri muri Muhamedi. Batoranije umurwi mu bayoboke ba Muhamedi maze bicarana mu musigiti w’i Medina baharira ikiringo kinini c’imisi itatu kandi ni ho haboneka inyishu muri ico kiyago hagati ya Islamu n’abakristo. Intumbero nyamukuru yari uguhindura abakristo bakaba aba Islamu.

Nk’uko Korowani yavuze ko uwo mubonano (Sura Al ‘Imran 3:33-34), Muhamedi yatangaje ko Abayuda bihenze. Bateguye umugambi wo kwica Yesu kugira ngo mw’ibanga baburizemwo imivurungano n’imigumuko y’abantu babo ubwo bwicanyi (Matayo 26:2-5; Yohana 11:46-54). Ariko Allah mu bukerebutsi n’ubugunge bwiwe ntiyavyemeye kuko yamye ari “uwa mbere mu bubeshi n’uburiganya”. Yahisemwo gukiza umuhungu wa Mariya n’ingoga ngo atababarizwa ku musaraba, abikora mbere hose yuko acirwa urubanza, aramusinziriza hanyuma amutwara akiri muzima mw’ijuru.

Iri hindagura ry’ivyabaye risa nk’aho ritangaje kuko Muhamedi yashaka kubafatira mu gukina mu majambo yakoresha; kugira ngo ntatsitaze aba Islamu nkawe yiyumvira kandi ko ariko arafasha Abakristo b’i Yemen ya ruguru. Yakoresheje ijambo ry’Icarabu “mutawaffika”, risobanurwa “gusinziriza umuntu” canke “kwicisha”. Muhamedi yakina ku majambo nk’uko mu ba Islamu Yesu atapfuye, yarasinzirijwe; ariko ku bakristo, ni ivy’ukuri Yesu yarapfuye, yarangije igikorwa cari caramuzanye mw’isi kandi akirangura neza nk’uko vyateguwe.

Muhamedi ntiyashobora kwemera ko umuvugishwa akongera akaba umuserukizi wa Allah nka Kristo, Allah yoba yarabambwe. Vyoba bitandukanye rwose n’uko azi Allah n’iyobokamana ryiwe. Umwizigirwa Allah yokwemera gute ko umwizigirwa Kristo, ataca mwagira na kimwe yogwa mu maboko y’abansi b’ababeshi? Biramutse ariko vyoba vyaragenze Allah ntiyoba akiri umwizigirwa canke mushobora vyose. Muhamedi yakojejwe isoni n’umusaraba nk’uko bigaragara mu cete candikiwe (1 ab’I Korinto 1:18, 23, 24). Yanse kwakira ivyo Bishop wa Wadi Nadjran amweretse mumajambo Yesu yabwiye abigishwa biwe amaze kuzuka mu bapfuye. (Luka 24:25-27 na 45-47; Yohana 3:14-15). Mu kwikurayo kuko yari amaze kurushwa mu bihari kandi akaba yari ntagonda izosi, yahakanye rwose ko Yesu Kristo yabambwe. Muhamedi ashobora kuba yaraniyumviriye ibindi nk’uko umuhungu wa Mariya niba yarabambwe, nawe yozohava abambwa! Ni kwo kugerageza kwikurayo abwira abakristo ko ahubwo umwana wa Mariya yasinzirijwe, hanyuma agatwarwa mw’ijuru akiri muzima kwibera mu Bwiza bwa Allah.

Iri nyurangatanywa ry’ibintu uko vyagenze ni vyo vyerekana ko “Imbere y’umusaraba wa Kristo, impwemu zose zizatura ukwo kwemera ziba atari zo!” (“Umusaraba wa Kristo ni wo munzane w’impwemu zose!”)

Muri Korowani, Allah yiyerekana nk- “umunyabugunge bwose canke umuriganya muri vyose”! Bibiliya idusobanurira mu gitabu c’Itanguriro 3:1 umuriganya n’umunyabugunge uwo ari we: ko ari ya nzoka yakera yiswe umurwanizi canke Satani (Ivyahishuwe 12:9). Umusaraba wa Yesu wamaramaje wa munyabugunge mu gushira ahabona uwo ari we. Agerageza gukoresha Korowani mu guhindanya ishusho umusaraba wa Kristo kand’akagerageza kwiyoberanya uko ashoboye kwose nka se w’ibinyoma vyose, akoresheje ubugunge n’ubundi bwenge mu buryarya bwose bubaho (Yohana 8:44; Ivyahishuwe 12:3,9; 20:2).

Ntivyumvikana ingene aba islamu n’abahinyanyuzi mu gusobanura Korowani bagerageza gucagagura ivyo bavuga, bakagerageza kuduca irya n’ino, epfo na ruguru mu kuvuganira izina rya Allah. Bamwita umugambanyi kurusha abandi bose, umunyamitwe mu gutunganya ibi vyose n’umunyarugomo. Ariko ntikibuza ko Korowani yita Allah “umukuru w’abanyabugunge n’uburiganya (Suras Al ‘Imran 3:54; al-Anfal 8:30; see also al-Nisa’ 4:142).

4.04 -- Icemezo c’ugusinzirizwa kwa Kristo

Muhamedi avuga ko Kristo yasinzirijwe. Nk’uko Korowani ibivuga, umwana wa Mariya yabonekanye mw’ijuru mu nyonga za Allah. Aho ni ho bamubajije ko atoba yarigishije abayoboke biwe ivyizerwa bitari vyo, kuvyerekeranye n’ubutatu bweranda (data, umwana na nyina). Kristo muzima yabeshuje ububeshi bwa Islamu bw’uko yasinzirijwe. Nguku uko yabwiye Allah:

Narabarinze (nk’umwungere) mpagaze hagati yabo (abigishwa biwe), kandi kuva ico gihe cose waransinzirije (urandeka ndapfa), ni ko kubandanya ubazigama ubwawe (Sura al-Ma’ida 5:116-117).

Inyuma yukwo kwerekwa, aba Islamu bamye bizera ko Yesu aba mu nyonga za Allah! Muhamedi we yarapfuye, ubu akaba arindiriye nk’uko bavyita (mu buryo bwa Barzakh) umusi w’amateka. Ni yo mpamvu aba Islamu bose, iyo bavuga izina rya Muhamedi mu gihe co gusenga, baba bariko baramusengera banamwifuriza amahoro (Sura al-Ahzab 33:56). Si Muhamedi asengera abamukurikiye ariko ni bo bategerezwa kumusengera. Aha ni ho hari itandukaniro kuri Yesu. Yesu aradusengera atwingingira kandi ni we aduserukira imbere ya Se ari we Data.

Guhera ico gihe mw’iyobokamana rya Islamu, ’Isa azopfa ku muhero w’isi igihe co kunagura Islamu kandi akazohabwa uwundi mubiri kugira ngo azopfe ubugira kabiri. Ni yo mpamvu aba Muftis bo muri Saudi Arabiya batangaje ko Kristo yadugijwe kwa Allah ari mu mubiri, umutima n’ubwenge! Bigisha yuko ari impwemu yaremwe na Allah ifise umubiri w’isi, ariko akaba muri abo ategerezwa kwiyegereza (Suras Al ‘Imran 3:45; al-Nisa’ 4:158,171).

4.05 -- Uko Islamu ihakana burundu ukubambwa kwa Yesu

Muhamedi yemeye bimwe bimwe vy’ukuri mu vyizerwa vy’abakristo ariko akabihindagura kugira ngo ashobore guhindura bamwe mu bakristo aberekeza mu biwe. Nta kibazo yagize mw’ivuka rya Kristo kw’isugi, nta kibazo yagize ku bitangaza yakoze canke kw’iduzwa ryiwe mw’ijuru kwicarana na Allah (Suras Al ‘Imran 3:55; al-Nisa’ 4:158). Ahandi naho tubona ko yarwanije ivyizerwa vy’ubumana bwa Kristo n’uko yapfuye ku musaraba. Muri Sura al-Nisa’, dusoma:

156 No kubera ubuhakanyi bwabo ndetse no kubera ibyo bavugaga kuri Mariyamu,
by’ibinyoma [bavuga ko yabyaye isa (Yezu) mu inzira z’ubusambanyi].

157 No kubera ko bavuze bati: Nitwe twishe Masihi
Isa [Yezu] mwene Mariya
intumwa ya Allah!’

bataramwishe cyangwa ngo banamubambe,
ahwo [ari undi muntu bishe baranamubamba] wari wahaye ishusho Isa nk’iye.

Mu by’ukuri abajya impaka ku bya Isa (Yezu) bamwe bavuga ko yabambwe,
abandi bavuga ko yajyanywe mu ijuru],
abo bose babishidikanyaho nta n’umwe muri bo ufite icyo abiziho usibye ko ibyo bavuga ari ugukeka gusa.
Mu by’ukuri ntan’ubwo bigeze banamwica.

(Sura al-Nisa’ 4:156-157)

ا١٥٦ وَبِكُفْرِهِمْ وَقَوْلِهِمْ عَلَى مَرْيَمَ بُهْتَاناً عَظِيماً ١٥٧ وَقَوْلِهِمْ إِنَّا قَتَلْنَا الْمَسِيحَ عِيسَى ابْنَ مَرْيَمَ رَسُولَ اللَّهِ وَمَا قَتَلُوهُ وَمَا صَلَبُوهُ وَلَكِنْ شُبِّهَ لَهُمْ وَإِنَّ الَّذِينَ اخْتَلَفُوا فِيهِ لَفِي شَكٍّ مِنْهُ مَا لَهُمْ بِهِ مِنْ عِلْمٍ إِلاَّ اتِّبَاعَ الظَّنِّ وَمَا قَتَلُوهُ يَقِيناً (سُورَةُ النِّسَاءِ ٤: ١٥٦-١٥٧)ا

Uyu murongo ni wo cane cane werekana itandukaniro hagati y’ukwo kwizera kubiri. Yamara ico gisomwa ntigitahuritse ku buryo coba gikwiye gusobanurwa bihagije.

Ica mbere, ntivyoroshe ko Abayuda b’i Medina bazemera ko umwana wa Mariya yitwa Mesiya canke Intumwa ya Allah. Ntibigeze bizera ivuka ryiwe kw’isugi kandi ntibigeze banemera ubumana bwiwe n’aho bwaturutse.

Ku rundi ruhande, birashoboka ko bohinyanyura integuro yo kwica Muhamedi mu gihe yobandanya kubaroga n’inyigisho ziwe, nk’uko abasekuruza bikuyeko Yesu bakamwica nk’uko yiyita Mesiya. Muhamedi ariko we ntiyemeye iterabwoba ryabo. Ahubwo yarabishuye mu kubatwenga no kubashinyagurira: Ntawe mwigeze mwica, ntawe mwigeze mubamba! Allah ntiyabemereye gukorera ibintu nk’ivyo Yesu mu gihe caheze kandi n’ubu ntazobemerera na gato ko nanje munyica! Mwa bangushi mwe b’ababeshi!

Ikindi naco, Muhamedi ashobora kuba yarumvise inkuru y’akarwi k’abakristo bo mu Kiyaya c’uruzi Nile bigeze kubaza ikibazo c’uko Imana yihinduye umuntu muri Yesu Kristo. Izo nyigisho z’ibinyoma zemeza ko Imana itigeze yihindura mw’ishusho y’umwana w’umuntu, (1 Timoteyo 3:16). Kubw’abo, ntivyashoboka ko Uwera yamyeho ibihe bitazoshira yambara umubiri w’umuntu maze akishira we nyene ubwiwe mu maboko y’ab’isi. Ni muri ubwo buryo nyene Kristo mu vy’ukuri atapfuye ku musaraba, ariko yoba yariyerekanye mu bundi buryo nk’uwaciriwe urwo kumanikwa nk’uwubambwe.

N’iki naco c’Imana kwihindura umuntu gishobora kuba carakoreye mu vyiyumviro vya Muhamedi mu guhakana kwiwe ko Kristo atabambwe. Yabifashe ko abakristo batatahuye ivyabaye neza, yuko umwana wa Mariya yoba yarishushanije gusa n’uwugiye kwicwa! –Uko ni ko yashimangiye iyobokamana ryiwe mu guhakana ko Kristo atabambwe ku musaraba. Uko ni ko yavyanditse muri Korowani mu guhindagura ivy’agakiza ka Kristo, igikorwa yaranguye akakirangiza ku bantu bose, n’aba Islamu barimwo.

Abahinyanyuzi mu gusigura Korowani bagize ingorane zo gusobanura “Ntibigeze bamwica kuko batabishoboye, ntawe babamvye namba, ariko yarihinduye mu kwigaragaza nk’uwabambwe kubwabo”. Ni co gituma bamwe muribo bandika ko Simoni Umunyakurene yafashwe ku nguvu n’abasoda bakamwikoreza umusaraba nk’aho awumwakiriye (umusaraba wa ‘Isa). Nk’uko ‘Isa yari ananiwe cane (Mariko 15:21) kandi abaciriwe urwo gupfa bakaba bari bamaze gushika i Gologota, abasoda babamvye uwari amutwaje umusaraba, naho Yesu abacamwo yirenganira arazimangana.

Abandi nabo bari ku ruhande rw’ubutungane bwa Allah! Bivugwa ko Allah ashobora kuba yaraciriye Yuda Isikariyote umuguranyi urubanza bikwiranye, maze aho kubamba Yesu, akaba ari we amanikwa. Ukwo ni ko aba Islamu bamwe bamwe, bafatanije cane cane n’abo muri Turukiya bizera ubwo bubeshi gushika uyu munsi. Bafitiye impuhwe nyinshi Abakristo bacizera ko Kristo yoba mu vy’ukuri yarabambwe.

Uwundi musemuzi (al-Tabari) yanditse kw’ari ukuri Yesu yabambwe. Ariko hanyuma y’ivyo, haje ubwirakabiri n’ugutigita kw’isi guhambaye mu karere ka Yerusalemu. Abarinzi bari bahagaze I Gologota bagize ubwoba bwinshi bariruka baja kunyegera. Yesu ni kwo kwibaza impamvu yoguma ku musaraba abambwe mu gihe abandi bose bariko barahunga uburake bwa Allah! Yarimanuye ku musaraba yari abambweko, maze yikinze agahumbezi kw’umwijima wari mwinshi arazimangana, ntiyasubira kubonekana. Akarwi k’aba Ahmadiyya kemeza ko ’Isa yafashe inzira ya Kashmir mu Buhindi bwa ruguru, aho yagezeho akipfira urupfu rusanzwe. Bemeza ko n’uyu munsi imva yiwe ikiriho, ng’uwoshaka kuyibona yokwishikira. (Raba: Iskandar Jadeed: Umusaraba mu Butumwa Bwiza no muri Korowani.)

Muhamedi yanditse muri Sura al-Nisa’ 4:157 ko hari ivyiyumviro vyinshi bitandukanye mu Bakristo b’ico gihe ku vy’urupfu n’akaranga ka Kristo. Kubw’ivyo, ntiyari azi ivy’ariko arandika neza ku buryo atanamenya kw’uguhakana kwiwe kw’ibambwa rya Kristo vyari bifise urufatiro. Abashakashatsi b’aba Islamu bemeranije kw’inyuma y’urupfu rwa Muhamedi yanditse ati: Umwana wa Mariya ntiyabambwe, yahisemwo kwiyerekana kuri bo nk’uwabambwe!

Ni abakristo bake cane bamaze kubona no kumenya ko guhakana ibambwa rya Kristo ari nk’ugucumita inkota mu gitereko c’Ubutumwa Bwiza. Ntituriko turateza intambara mu mubiri kuri Islamu. Ahubwo intumbero yacu ni iyo gusobanurira bene Data b’abakristo ko imyaka irenga 1380 iheze haba ibiganiro hagati ya Islamu n’abakristo, abizera Kristo bose bafashwe n’ababeshi, abasubiye inyuma n’abazimiye, abasenga ibigirwamana, kubw’umusaraba wa Kristo (Suras al-Fatiha 1:7; Al ‘Imran 3:61; al-Tauba 9:29). Umusaraba, icubahiro cose ku bakristo benshi, usigaye warahindutse nk’igiheko ku buryo aba Islamu bawanka urunuka bakanawuvuma aho kuwuhezagira!

Ariko Gamal Abd al-Nasser muri Egiputa na Baschir Asad muri Siriya batyoje Isirayeli canke Abayuda, yanditse ibitandukanye n’inyigisho za Korowani abita abicanyi ba Yesu kuko ari bo bamwise. Ireresi y’Ukubabazwa kwa Kristo yashoboye kwerekanwa mu 2004 mu bihugu vyinshi vy’Abarabu mu ntumbero yo gusembura urwanko ku bagandaguye Kristo.

4.06 -- Uguhakana rwose ko Kristo yapfuye mu gishingo cacu

Umusomyi wa Korowani arabonamwo ahanditse ibihetangabo bitanu:

… Ntawuzikorera umutwaro (umuja, umukozi n’ibindi.) w’uwundi … (Suras al-An’am 6:164; Bani Isra’il 17:15; Fatir 35:18; al-Zumar 39:7; al-Najam 53:38).

ا... وَلاَ تَزِرُ وَازِرةٌ وِزْرَ أُخْرَى ... (سُورَةُ الأَنْعَامِ ١٦٤:٦)ا

Uwo ari we wese azobazwa ivyiwe. Nta wuzishurira uwundi. Umwagazi w’intama w’Imana kuba yokwikorera ivyaha vy’abantu ntibibaho muri Islamu. Abigishwa ba Muhamedi ntibigeze bamenya ko hari uwo Imana yatanze nk’ikimazi c’ivyaha vy’abantu bose kandi ko uwo nyene ari we yapfuye mu gishingo cacu. (Yesaya 53:4-12; Yohana 1:29; 3:16). Ni co gituma aba Islamu bose bama bakurikiranira hafi uko ibikorwa vyabo bimeze, bifatanije n’ukwizera kwabo muri Allah na Muhamedi. Gutsindanishirizwa ku buntu kuvuye ku rupfu rw’uwitanze mu gishingo cacu nk’impongano y’ivyaha kwoba ari akarenganyo gakabije mu maso y’abo bose basenga Allah kandi banitondera ivyagezwe vya Shari’a, bagasenga kenshi cane, bagafunga kenshi, bagatanga mu gufasha aboro, bakagira urugendo rw’i Maka kandi bakagira n’ishaka ry’Intambara Nyeranda, muri ivyo vyose, nta kibazo c’umukiza yabambwe.

Ivy’agakiza n’Umukiza hamwe n’insiguro yavyo nk’uko tubisoma mw’Isezerano Risha, ntaho ushobora kubibona muri Korowani. Nta gitangaje kuba guhakana ibambwa rya Kristo kuri hagati y’amadini cane cane abiri. Islamu ni idini rigendera ku mategeko, ariko abakristo tukaba tugengwa n’ubuntu bw’Imana muri Kristo Yesu. Amajambo Paulo yavuze ku vyerekeye ivyagezwe hamwe n’Ubutumwa Bwiza uyasanga no muri Islamu (Abaroma 3:9-20; ab’I Galatiya 2:16, 21).

4.07 -- Nta mu Islamu yababariwe ivyaha

Nta n’umwe abaho nk’uko Ubutumwa Bwiza buri, canke yokwizera ko yatsindanirijwe kubw’ibikorwa vyiwe, ariko vyose tubikesha uwatubambiwe agatanga impongano y’ivyaha vyacu.

Amaraso ya Yesu, Umwana wayo atwoza icaha cose (1 Yohana 1:7).

Nta kundi gutsindanishirizwa kuruta ukw’amaraso ya Yesu. Ivyo ukwubaha Imana ariko utayubashe n’umutima wawe wose mu kwikurayo gusa sivyo Imana ishaka mu gushikira ukugororoka kwose. (Abalewi 11:44; 19:2; Matayo 5:48).

Kubera ko aba Islamu batizera ibambwa rya Kristo, ni nako bahakana ugutsindanishirizwa, guharirwa ivyaha, agakiza, ivy’umuhuza canke kwuzura n’Imana hamwe n’ugucungurwa kwaje muri Kristo Yesu. Ingingo ya kabiri mu Vyizerwa rukristo ntibibaho muri Islamu! Ingingo ya gatatu nayo nyene ntibaho muri Islamu. Mu rupfu rwa Kristo na Mpwemu Yera yashoboye gusukwa kubigishwa nk’uko bari bamurindiranye akanyamuneza no mu gusenga. Mu guhakana ibambwa rya Kristo, Islamu yikumira ku migisha y’Imana ku buntu bwayo kandi bakibuza ibakwe n’ibituruka vyose ku kwizera kwa rukristo.

Aba Islamu bazi ko ku musi w’amateka hazokoreshwa iminzane ipima ibikorwa vyiza bakoze hamwe n’ibibi vyose. Muri Korowani handitswe ngo:

“… ibikorwa byiza umuntu akoze, bimukuraho ibyaha [bito bito] yakoze...” (Sura Hud 11:114)

ا... إِنَّ الْحَسَنَاتِ يُذْهِبْنَ السَّيِّئَاتِ ... (سُورَةُ هُودٍ ١١٤:١١)ا

Ni kuri iyo mpamvu ata mu Islamu amenya neza urubanza ruzocibwa na Allah uko ruzoba rumeze, niba ivyaha vyiwe bizoharirwa canke bitazoharirwa. Abayeho mu kutamenya ko ibicumuro vyiwe vyahariwe, hamwe n’ivyo akamana ubwoba bw’umusi w’imperuka.

Abantu bashika ku miriyaridi imwe n’ibihumbi amajana ane vy’amamiriyoni baraboshwe n’impwemu ya Islamu. Igihe kirageze ko abakristo twokwikangura tukajana Ubutumwa Bwiza bw’Uwabambwe ku musaraba ari we Kristo ku ba Islamu batarakizwa kugira ngo bave mur’ubwo bwoba no kwihebura. Turi mu mwenda wo kubashikana muri ubwo buntu bw’Imana, nabo bakayimenya vy’ukuri. Harageze ko nabo bamenya ivy’ugutsindanishirizwa nyakwo. Reka tugere ikirenge mu ca Paulo dushingire intahe ukuri tuti:

Ariko tweho tubabarira ivya Kristo yabambwe!
(1 ab’I Korinto 1:23)

4.08 -- UTUBAZO

Mwene data Musomyi,
Nimba wize aka gatabu neza cane, ushobora kwishura vyoroshe ibi bibazo bikurikira. Uwo wese yokwishura ku bice 90% ibibazo vyose biri muri utu dutabu indwi uko biri neza, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo ruvuye mu kigo cacu ku bijanye

N’inyigisho zo ku rwego rwo hejuru
mu gutahura imizi ya Shari’a muri Korowani

nko gutera intege uwo wese azobandanya akora igikorwa ca Kristo. Vyoba vyiza cane hamwe munyishu zawe woza urashiramwo imirongo yo muri Korowani.

  1. Umurongo wa 33 wa Sura 19 ukubwira ko wobwira Ubutumwa Bwiza umu Islamu gute?
  2. Aba Islamu bahindagura imvugo za Korowani ku vy’urupfu rwa Kristo kandi bagasobanura ivy’urwo rupfu rwiwe ko rizoba inyuma y’ukugaruka kwiwe! Bishoboka gute?
  3. Ni gute aba Islamu bavuga ivy’ukugaruka kwa Kristo bakurikije uko bavyumvise?
  4. Ijambo Korowani yakoresheje risobanura iki mu kuvuga ko Allah yari umunyabugunge kuruta Abayuda?
  5. Kuki Muhamedi avuga ko Allah ari we munyabugunge kuruta abantu bose? Yashatse kuvuga iki?
  6. Kubera iki Allah wa Korowani avuga ko yasinzirije ‘Isa kandi akaba ari we amwivyurira?
  7. Ni ubuhe buriganya buhambaye bwa Allah?
  8. Nimba Allah ari umuriganya kuruta bose, bivuga iki muri Bibiliya?
  9. Kubera iki aba Islamu bizera ko Yesu yanyakuwe akajanwa kwibanira na Allah?
  10. Kuki umu Islamu yemera ubwiza bwa Kristo mw’ijuru ariko agahakana umusaraba?
  11. Amajambo Yesu yabwiye Allah amaze kuduzwa mw’ijuru atangaje mu biki? Asobanura iki?
  12. Kuki umurongo wa Sura 4:157 ari umwe mu mirongo antikristo ya muri Korowani?
  13. Aba Islamu bari hagati na hagati basigura uwu murongo gute mu kwerekana ko Muhamedi yari afise ukuri kandi n’abakristo nabo bari bafise ukuri?
  14. Bisobanura iki ko Kristo yoba atabambwe ariko akaba yariyoberanije?
  15. Korowani ihakana gute ivy’uko hari uwopfa mu gishingo c’uwundi ku musi w’amateka?
  16. Kubera iki ata mu Islamu yahariwe ivyaha vyiwe nk’uko Ubutumwa Bwiza bubivuga?

Mukwishura ibi bibazo Umuntu wese ararekuriwe gukoresha ibindi bitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu mu nyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagukomeza, akagutuma, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwose !

Abo musangiye umurimo,
Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:
info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on October 05, 2022, at 03:06 PM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)