Grace and Truth

This website is under construction !

Search in "Kirundi":

Home -- Kirundi -- 01. Conversation -- 1 Great Commission

This page in: -- Arabic? -- Cebuano -- Chinese -- English -- French -- Georgian -- German? -- Hausa -- Igbo -- Indonesian -- KIRUNDI -- Russian -- Somali -- Telugu -- Ukrainian -- Uzbek -- Yoruba

Next booklet

01. Ikiganiro n’aba Islamu kuvya Kristo

1 - IGIKORWA NYAMUKURU CA YESU UMWAMI WACU

Kuki abakristo bategerezwa gusangira Ubutumwa Bwiza n’aba Islamu? Turavye igikorwa nyamukuru Yesu yahaye abigishwa biwe muri Matayo 28:19-20 biduha kubona ni kuberiki kandi ni gute iki gikorwa cokorwa. Itegeko nyamukuru rya Kristo niryo Muhamedi yagonvye kwigana mukubwira aba Islamu kuyikwiragiza hose.



1.01 -- Ubutumwa bukuru bwa Yesu Umwami wacu n’inyishu ku vya Islam

"Bamubonye, baramusenga, ariko bamwe barakekeranya. Yesu arabegera, arababwira ati: Jewe nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi. Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data wa twese n’iryo Umwana n’irya Mwemu Yera; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi." ‘Amen
(Matayo 28:17-20)

1.02 -- Umuhamagaro

Amaze kubambwa no kuzuka mubapfuye arangije guhuza amahanga yose n’Imana, aca agomba guha agakiza kiwe ku bantu bose ahantu hose biciye mu bigishwa biwe. Ahejeje gucungura umuntu ivyaha vyiwe vy’ubwoko bwose, atsinze urupfu na kuzimu ahamagara abamusenga n’abamukurikiye bari bagikekeranya, abarekurira kuvuga agakiza kiwe kumahanga yose. Abigishwa biwe bose bari bamutaye barahunga muri ca gihe c’amageragezwa. Nta numwe muribo yari abereye kugenwa kuba umukozi wa Yesu ari muzima. Gusa Umuhamagaro wiwe wonyene niwo wabahaye kwemegwa kuba intumwa z’ubuntu Bwiwe.

1.03 -- Ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi

Kristo yahishuriye abari bamukurikiye ko se mw’ijuru yamuhaye ububasha n’ubushobozi bwose bwo kuganza abamarayika, n’abantu, ivyo mukirere n’ ivyaremwe vyose. (Ivyahishuwe 5:1-14).

Mbega Imana Mushobora vyose yoshobora gusamara muguha ububasha bwose Umwana wayo? Ntiyatinya ko ubutegetsi yobuhirika, akamugarariza? Data yarazi Umwana wiwe neza. Yari yicishije bugufi mu mutima wiwe. Ntiyigize uwuhambaye. Yitangiye abanyavyaha batabibereye. Yama aha icubahiro Se nk’uko Mwemu Yera agiha Umwana. Imana Yacu yicishije bugufi. Ni kubera iyo mpamvu Data yatanze ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi ku Mwana wiwe.

Hari impwemu ihushanye igenzura Islamu. Korowani itubwira ko ata mana zibiri zishobora kubangikana kuko imwe yokwivyukiza iyindi (Sura al-Mu'minun 23:91). Mubihe vy’ubwami bw’abami bw’aba Ottoman inyuma y’urupfu gwa Sultan abahungu biwe bose baciye bicwa basigaza umuhinga w’ahambaye mukurinda ingwano yo kumusubiriza ku butegetsi. Impwemu y’ubugarariji niyo igenzura Islamu mbere n’izina rimwe mu mazina meza ya Allah ni Umwibone, Inkazi. (Sura al-Hashr 59:23).

Kuri yesu birahushanye. Ntiyakoresheje ububasha yahawe ngo yubake ubwami bw’abami aha kw’isi n’amakori bo n’igisoda. Ariko we yakiza abagwaye bamwituye, Yasenda amadayimoni kubo yinjiyemwo, Yazura abapfuye, Yaharira ivyaha aca anasuka mpwemu wiwe kubamukurikiye bariko basenga bamurindiriye. Yatanguye kwubaka ubwami bwiwe mu buryo b’impwemu aca ashira ububasha bwiwe mugukomeza abigishwa biwe. Izina ryiwe ‘’Yesu’’ riba intumbero nyamukuru: "Azokiza abantu biwe ivyaha vyabo." (Matayo 1:21)

1.04 -- Nuko nimugende!

Yesu amaze guhabwa ububasha bwose buvuye kumushoboravyose aca ategeka abigishwa biwe guhaguruka ngo batangure kugenda. Bizeye ubushobozi butagira akagero baca banyeguruka ngo bagerageze ingendo nshasha. Yesu atwigisha kugenda no kwihuta! Yanka ko dutwagwa no kwibaza ivyacu. Ashaka duhunge umunyacubahiro "Jewe " ngo dutumbere "wewe". Yadutumye mubacu. Ntiyipfuza ko dukorera gusa mu miryango yacu no mukibano. Kuko umwungere mwiza asiga abagororotsi 99 agakurikira umwe yazimiye kugera amutoye (Luka 15:4-7).

1.05 -- Kurongogwa na Mpwemu

Umuntu wese agomba kwubahiriza itegeko rya Yesu akeneye uburongozi bwa Mpwemu Yera. Woshobora kwibaza: " Nje kuri nde? Ntawe tuzinanyi!" Umwami arakwishura: "Musabe muzohabwa!" (Matayo 7,7; Luka 11,9-13; Mariko 11,24). Twagiriwe ibakwe ryo kumubaza aba Islamu bariko barondera kwumva ubutumwa abo umutima wabo n’ivyiyumviro vyabo vyamaze gutegugwa na MPwemu Yera.

Ununtu wese aronse n’umuntu arondera agakiza nk’uwo ntategerezwa kumuhaririza atamenye ivyo yiyumvira mbere n’ingene yibaza, mbere n’uko ahanzwe. Naho tudashobora kuronka inyishu yamaze gutegugwa kera baza Yesu mumutima wawe ico agomba kuvugana n’uwo muntu. Mubaze amajambo abereye mugihe kibereye kuwubibereye; Mubisanzwe, iyo Yesu atubwiye ico kuvuga, dutegerezwa guca tukimubwira hama tukarekera igikogwa Yesu uko amajambo Yiwe akorera muri uwo amurondera biciye muri twebwe.

Isuzume! Wumva ufise umuhamagaro wo kuvugana n’umubanyi wawe, umugenzi, umugore wawe, abana bawe canke uwundi wese muvugana ivya Yesu? Baza Yesu ubugombe bwiwe ndetse nico agutegeka wewe! Ntukekeranye kumwumvira? Ariko niwumva bidatahuritse neza canke ufise ubwoba, ca umusaba Urukundo gwiwe n’inkomezi kugira ukureho ukwo gukekeranya muri wewe. Hari abantu benshi barindiriye intahe yawe irimwo mpwemu gusumba abo wokwikeka!! Ntiwirengagize ko isengesho usenga imbere yo kuja muri ibi bintu vyose rifise uruhara ntangere gusumba mbere n’intahe yawe.

1.06 -- Twotanga iki?

Umuntu wese agomba ko mugenzi we amwumviriza, amuha ivyo yari ahahamiye kuronka. Umwigisha mwiza amenya vyinshi gusumba abanyeshure biwe kandi agashobora gukora ivyo badashaboye gukora, ariko bahahamira kumenya no gukora ivyo ashoboye. Ntibamwitegako gutangura kubaha ibintu bigumye ariko bakeneye kubona ko umwigisha wabo afise ububasha n’ivyimpwemu mbere no kumenya ko abayeho nkuko yigisha. Bazoheza bamwumvirize mbere banamukikize.

Abakristo bashobora guha abo badasangiye ukwizera ivyo badafise. Abakristo turazi ko Imana ari Data, Yesu ko ari umucunguzi wabo, kandi Mpwemu Yera ko ari umuremesha. Yaducunguje ubuntu. Anaduha Mpwemu wiwe nk’ingabire. Yaremye amahoro muri twebwe akaduha n’umunezero w’ibihe vyose. Adusukako urukundo gwokutwitangira (Abaroma 5:5) kandi yaduhaye gutahura ubuzima bwacu. Ahishurira ukuri kwose abamukurikira (Yohana 14:6) kandi akabaha ivyizigiro vyo muri kazoza. Yaduhaye ububasha bwiwe bwibihe bidashira. Ntitwisuzugure mugusenga dushingire intahe ivyo Umwami wacu yazutse yadukoreye. Dutegerezwa guha amahanga ivyo akeneye. Abakurikiye yesu bamaze kuronka ubugingo budashira buvuye ku mwagazi w’intama w’Imana. Bisangire n’umubanyi wawe.

1.07 -- Abantu bose

Itegeko rya Yesu ryatumye haba umuhari w’ijanabutumwa mu myaka ibihumbi bibiri 2000 iheze. Abatumwe batanguriye mu karere ka Mediterane no mu buperesi. Hanyuma agakiza kabandaniriza iburayi na Aziya yo Hagati, mbere buranashika no mubushinwa. Amerika imaze gutogwa ubwambere n’inkengera z’ubuhindi Umwami yazutse yuguruye imiryango mu bihugu vyose vyo kwisi ngo intahe ziwe zivugwe. Uyu musi abana ba Aburahamu, Abayuda n’aba Islamu, baronka akaryo ko kwemera canke guhakana Yesu. N’amareta y’igi komista, nk’ Uburusiya n’ubushinwa, ubutumwa bwiza buriko burahinjira. Twategerezwa kumenya ko gushika ubu ica gatatu c’abantu bari kwisi biyita abakristo. Abenshi mubantu baba aha kw’isi yacu ntibaramenya Umucunguzi wabo. Haracari igikogwa kidasanzwe! Ntikwokwicara ngo turuhuke! Buri mwigishwa wa kristo ahamagarigwa kugira ico akoze muri iri janabutumwa mumahanga!

1.08 -- Ubutumwa nyamukuru muri Islamu

Ubukristo siryo dini ryonyene rigwira kwisi. Korowani itegeka incuro zibiri: "Nimugwanye (Abahakanyi) kugeza mugihe muzabona gose ko ntagutotezwa kuzaba kukiriho, ndetse idini rikazaba ribereyeho kugaragarira Allah gus…" (Sura al-Anfal 8:39; al-Baqara 2:193).

Imirongo irenga 100 muri korowani ihimiriza aba Islamu kuja muntambara nyeranda. Handitwe ngo: "Allah yaguze ubuzima n’imitungo vy’abemera, abaguranira kubaha jana. Barwana munzira ya Allah, bakica bakanicwa…" (Sura al-Tawba 9:111).

Kumahirwe mabi, abakristo baciye batangura intambara z’amadini hamwe n’ubukoroni bwakorwa hakoreshejwe amato y’intambara. Ivyo bikorwa vy’ubwicanyi, naho biruko, banyuranya n’itegeko rya Yesu Kristo yari yabariye Petero, “Buno Yesu aramuburira, ati subiza inkota yawe ahayo; kukwo ababanguye inkota bose bozokwicwa n’inkota.” (Matayo 26:52)

Ibihuhuta bikomeye bibiri vyatumye Islamu igwirirana: Icambere catanguye inyuma y’imyaka ijana hama baca batsinda ubuseruko, uburaruko bw’Afrika, Espagne, Ubuperesi hamwi n’igice ca Aziya yo hagati.

Igihuhuta cakabiri cazanwe n’aba Mongoli hamwe n’ababagwanya. Uruvyaro gwinshi gw’aba Genghis khan bemeye Islamu nk’idini risigura intsinzi yabo. Baciye batsinda Aziya yo hagati baca baja gutegeka ubu shinwa, uburaruko bw’ubuhindi, mezopotamiya hamwe n’ubu Rusiya. Aba ottoman b’aba turkiya, imiryango yabo, yaciye itsinda aba constantinope mumwaka wa 1453 kandi ubwakabiri baciye bakuraho icicaro ca viyena muri vain. Ingorane n’uguhangana muri Balkans no mubuseruko ntivyashoboye gutorerwa inyishu ibereye bivuye ukwigabura kw’intwaro y’aba Ottomani imyaka amajana ane.

Igihuhuta ca gatatu catumye haba igwirirana rya Islam mumwaka wa 1973 cari ibiciro vy’ibitoro vyaciye biduga no muyindi mugabane yose. Kuva ubwo aba Islamu beshi baciye baja kuba mubihugu kubw’iryo hinduka gushika nuno musi! Ni kugeza ryari aba kristo bazoguma bashaka kwiryamira no kugira inzozi zo kuvanga imico mukibano?

Aba Islamu bamwe bitwaza ko Islamu ari, idini rikunda amahoro n’urukundo. Imirongo 12 yo muri korowani bise ihuriweko yo kwubahwa n’ihaganwa ry’ibikorwa vyiza (Sura-al baqara2: 256; al-Ankabut 29:46…). Iyo mirongo ishobora gutorwa muri Korowani, mugabo yakomotse mugihe Muhamedi nabamukurikira bari bakiri inkehwa. Ukwo kwihangana, kuva ico gihe kwagiye gukugwaho n’amategeko atandukanye ya Allah, Ivyo vyahamagarira aba Islamu kugwana bakoresheje ibigwanishwa bugucuvya abansi babo (Sura al-baqara2:191; al-tawba 9:5, 29…). Uravye amategeko nyakuri imirongo yivyerekeye kwihangana yaravuye kugihe kandi ntigikora. Muri make iyo mirongo yasubirijwe iracakoreshwa mubiganiro vy’aba Islamu iyo bari inkehwa aho babaye. Ibihe vyinshi Muhamedi yerekana ko” intambara guhemuka”! Intumbero ya islamu kw’isi ntiyubakiye kukuri ariko ku kinyoma. Allah ubwiwe niwe muhemu wambere asumvya bose guhemuka (Sura al’Imran 3:54; al-anfal 8:30)!

1.09 -- Itegeko ryo kubatizwa mubutatu bweranda

Yesu ntiyigeze yigisha Ibidasobanustse canke ibidatahuritse vy’Imana. Ntiyigeze ahishura Allah nk’uwuri kure adatahuritse kandi adafise ububasha! Umwana n’Imana yahishuye izina rya se incuro 187 mubutumwa bwiza uko ari bune kandi aduha Mpwemu Yera, ariwe Mana y’ukuri. Yesu yavuze kandi ko “Jewe na Data tur’umwe (si babiri)!” Yohana 10:30; 17:21-22). Yategetse abigishwa biwe kubatiza abizeye bose ubutumwa bwiza, atari mu mazina atatu y’Imana zitandukanye, ariko mw’izina rimwe ry’Imana, niwe Data, Umwana na Mpwemu yera. Ubutatu buri mu bumwe nyabwo nkuko Yesu abivuga, “Ntimwizeye ko jewe ndi muri Data, na Data ari muri Jewe? Amajambo mbabwira si ayo nigeneye, ariko Data ari muri jewe niwe akora ibikorwa vyiwe. Nimunyizere ko ndi muri data na Data ari muri jewe, bibuze, mupfe kwizera kubw’ibikorwa ubwavyo”. (Yohana14:10-11)

Twishimikije abanditsi batandukanye kuvyo muri Korowani, Muhamadi yatangaje mukuvuga umubatizo w’abakristo kandi awita guhindura ibara. Yatahuye ko abakristo bari batandukanye n’abandi bantu bo mu kigobe c’abarabu. Nti biba, ntibatukana, uwariwe wese yari afise umugore umwe, baritonda kandi bagakunda abansi babo ( Sura Al’Imran3:199; al-Ma’ida 5:66,82;al-An’am 6:90; Yunis 10:94; al-Nahl 16:34;al( Hadid 57:27; al-Saff 61:14…) Ubwo buranga yabubonye nk’ihinduka ry’impwemu mu mubatizo wabo, bitewe n’ubutumwa bwiza n’isezerano bafitaniye n’Imana yabo ( Sura al-Ma’ida 5:110; Maryam 19:88; al-Ahzab 33:7.)

Naho biruko Muhamadi yaciye agwa mumpari zo guhakana ubumana bwa Yesu na Mpwemu yera. Ubwo bumana bubiri yihakana yavuga kuvyizerwa bwavuga ngo, ”ntayindi mana kiretse Allah”, itegeko rya Yesu ryo kubatiza mw’izina ry’Imana Data, n’irya mwana na Mpwemu Yera ivyo vyumvikana nko kurogota mumatwi y’aba Islamu. Kubera muri Islamu ata Mpwemu Yera iriyo nko mubutumwa bwiza, nta bumenyi bafise kuri Data, Mwana na Mpemu Yera (1 Abikorinto12:3; Abaroma 8:15-16)

1.10 -- Umubatizo utanga gukingirwa n’umutekano

Pawulo yanditse, ”Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu kristo, n’urukundo gw’Imana, n’ubumwe buva kuri Mpwemu Yera, bibane namwe mwese” (2 Abikorinto 2:14) Umubatizo uduha kugaganira n’imana ku giti cawe no gutekanigwa muri mu butatu bweranda. Tuba turi muri Data Mwana na Mpwemu yere biciye mumu batizo wacu. Imana ubwayo niyo nkinzo yacu. Uwuguma murukundo, aguma mu Mana kandi Imana iguma muriwe. Dutegerezwa kwambara ibigwanishwa vyose vy’Imana kandi tugakomera mu Mwami wacu, umwansi ntashobora kutugiramwo ububasha. (1 Yohana 4:15; efeso 6:10-17 …).

Ububeshi muri Islam ntibwuzurizwa nuko Allah ameze mwidini ryabo kandi bajugumizwa n’ivyo vyategekanirijwe umuntu bibiri muri Islamu (Paradizo n’umuriro). Bagerageza gushikira Allah adashikirwa, ari Kure, nyene ububasha biciye mukurimbura. Bagerageza kuja muri we canke kugerageza kuraba uko yoja muri bo. Akenshi bahura n’inguvu z’impwemu mbi biciye mubikorwa vy’ubupfumu n’uburozi. Allah muri Islamu ari kure cane kandi ntawushobora kumubona, kubw’ivyo ubwoko bwose bw’imigirwa yo kubandwa bishobora gushikira aba Islamu vyoroshe.

Nta gakiza kari muri Islamu. Ikiriyo ni umuhamagaro wo kwishikana ku burongozi bw’agacinyizo ka Allah, uwuhemukira uwagomba wese kandi akarongora uwo ashaka wese (Sura al-An'am 6:39; al-Ra'd 13:27; Ibrahim 14:4; al-Nahl 16:93; al-Fatir 35:8; al-Muddathir 74:31). Allah nta sezerano afitaniye n’aba Islamu. Abafata nk’abaja biwe. Si Data, si n’umucunguzi, sinumuremesha. Afyonyora uwo wese atishikana kubugombe bwiwe (Sura al-Ra'd 13:16; al-Zumar 39:4; al-Hujurat 49:14 etc.). Ariko abiwe, naho biri uko, barakebwa nk’ikimenyetso c’abaja na shebuja wabo Allah. Gukebwa muri Islamu ni nk’isubirizwa ry’umubatizo kubakristo.

1.11 -- Umubatizo – Guhuzwa n’umurongo w’ubushobozi bw’Imana

Abigisha ba Yesu Kristo babatijwe na Yohana umubatizi mu ruzi Yorodani. Bihanye ivyaha vyabo kumugaragaro mbere ko batari bakwiriye guhagarara imbere y’Imana. Ariko Yesu yabijeje ko bazobatizwa mu bushobozi bwa Mpwemu Yera kandi ko batazoba bakiba mu ntege nke ukundi, bafise ubwoba, atabushobozi, ariko ko bazohabwa ubushobozi barongowe n’Imana (Ivyakozwe 1:4-8; Johana 1:33-34).

Mundimi nkomoko ijambo Imana ni "El", risigura ubushobozi n’inkomezi. Elohim ni ubwinshi mbere rishobora gusigugwa ngo "Imana y’ubushobozi". Ijambo "Allah" muri Islamu, nubwo biri uko, ni urudende risigura: Ni Ubushobozi! Iri jambo ry’icarabu mu nsiguro nyakuri yaryo ntirishobora gusigura Imana mu Butatu. Risigura gusa urudende.

Yesu arababwira ko ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi yabuhawe. Yahishuye kandi ko Mpwemu Yera ari ubushobozi bw’Imana. Imana yacu ifise Ubushobozi mu buryo butatu! Uwo wese yabatijwe mw’Izina Ryayo kandi akanemera ubwo buntu aguma ari kumorongo w’ubushobozi bw’Imana. Azokira urupfu rw’icaha n’ibigabitanyo ahabwe ubugingo bwo mu buryo bw’impwemu kandi azokangura abandi bapfiriye mu vyaha no mubigabitanyo ngo babe bazima kubw’ubutumwa bwiza. Pawulo yemeje avyeruye ko ari igitangaza: "Sintegwa isoni n’ubutumwa bwiza bwa kristo kuko ari ubushobozi bw’Imana, bukiza abo bose bamwizeye." (Abaroma 1:16)

Petero abwira abayuda bari batangaye: "Mwihane! Umuntu muri mwebwe abatizwe mw’Izina rya Yesu Kristo ngo mubone guharirwa ivyaha vyanyu kandi muzohabwa ingabire ariyo Mpwemu Yera" (Ivyakozwe 2:38)

Uwo wese yakiriye ubushobozi bw’Imana biciye mukubatizwa mu kwizera ntaba agikorera munkomezi ziwe ariko mu nkomezi z’Imana kandi bazoronka inkomezi zirengako, mugihe azisavye. (Yesaya 40:29-31)

1.12 -- Kwumvira itegeko rya Kristo

Mu bihugu vy’Abarabu imvugo ngo "Kugumya ijambo ry’Imana" bisigura kuryiga kumutima. Si aba Islamu bake bazi Korowani yabo ku mutwe, yaba yose canke igice kimwe. Rimwe na rimwe hari aho batubaza igituma tudakunda Imana yacu kuko tutagumya ijambo ryayo! Kumenya ivyahishuwe ku mutwe kuribo vyerekana urukundo bakunda Imana. Mbega abakristo bazi iki ku mutwe, ubutumwa bumwe, canke ubutumwa bwo kumusozi ku mutwe? Bigoranye hari aho usanga bamwe bibuka Zaburi 23 canke 103, canke 1 Korinto 13. Abakristo biyumvira cane bakamenya bike! Aba Islamu bakamenya vyinshi batigera biyumvirako! Mu mico yacu twategerezwa kwihana atari ukwumva amajambo y’Imana gusa ariko kuribika mu mutima (Luka 11:28). Uwo wese azumva umurongo wa Bibiriya ududubiza muri we azokwongegwa inkomezi mu bugingo bwiwe.

Kurizigama gusa ntibihagije. Yesu abivuga neza: “Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje.” (Yohana 14:15).

Mega ivyagezwe vya Kristo ni ibihe? Twarongorewe kukwiyumvira kubijanye n’ubuntu, gutsindanishirizwa, imbabazi, umuhezagiro no kuri Yesu ubwiwe. Abantu bake gusa nibo biga ivyagezwe vyiwe. Uwusoma neza ubutumwa bwiza bune ashobora gusanga burimwo hafi ivyagezwe 500 vya Kristo. Bimwe muri vyo vyahindutse ibizwi muri rusangi ku bakristo: “Mukunde abansi banyu! musabire ababahama" (Matayo 5:44-47) "Uduhebere imyenda yacu nk’uko natwe twayihebeye abatugirira nabi" (Matayo 6:12,14-15) "Ntimugahinyurire mumitima yanyu namwe mukazohinyurwa!" (Matayo 7:1-5)

Guhindukirira Kristo ni ngombwa ku muntu wese. Yamara, impinduka y’uburyo tubayeho nayo ni ngombwa iyo tugomba gukurikira Kristo. “Kuko uwutejejwe atazobona Umwami” (Matayo 5:8; 1 Ab’itesalonike 4:3; 1 Yohana3:1-3).

Ninde yokwubahuka kwigisha umuntu kwitondera kwigisha ivyagazwe vya Kristo ntabe ariwe avyitondera ubwambere! Umuhamagaro wa Yesu wo kwigisha no kwitondera ijambo ryiwe mubuzima bwacu bwa buri munsi ni umuhamagaro kubigisha, abasiguzi n’intumwa wo kwihana ubwambere. Umwami Yesu ntashaka kwumva amajambo y’ubusabusa, ariko ashaka kubona ko dukora ibihwanye n’ivyo tuvuga. Ahandi hoho duhindura ubusa ivyo tuvuga biciye muvyo dukora!

1.13 -- Kora ivyo nabategetse vyose!

Yesu yavuze, ’’Mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose’’. Iri jambo rito’’vyose’’ rishobora gutuma twumva ko turi abatsinzwe n’urubanza. Ninde muri twebwe azi ivyo Yesu yadusavye gukora vyose ku mutima? Ninde yamana igihe cose ivyagezwe vya Yesu imbere yiwe? Ninde avyigisha abana biwe, imigwi y’urwaruka, n’ishengero ryiwe? Kandi ninde ashira mungiro ivyagezwe vya Kristo mu majambo, mubikorwa, mu vyiyumviro kandi atomoye? Ntanumwe azogororoka muri vyose. Twese turananirwa mwishirwa mungiro ry’iri jambo rya Yesu. Mbere n’umugororotsi nyawe ashobora guca bugufi agahinda agashitsi: "Mwami, ntuntsindishe!"

Vyongeye kandi, iyo turimbuye kuncamake y’ivyagezwe vyose vya Yesu, twumva twoca bugufi. Avuga: “Mwebwe ni mube agahore nk’uko so wo mw’ijuru ari agahore.” (Matayo 5:48) Ntawukora ivyiza eka ntanumwe! (Zaburi 14:2-4, Abaroma 3:19-23, 7:3-8:4).

Twebwe nk’abakozi ba Kristo tubeshejwe ho n’ugutsindanishirizwa kuva mu buntu bwiwe kandi dukeneye gutungana buri munsi biciye mu maraso yiwe. Uwusoma wese 1 Yohana 1:7-2:6 mugusenga ashobora kuronka insiguro imuhumuriza kuri iri tegeko rya Kristo.

1.14 -- Ni iyihe ntumbero y’itegeko rya Kristo!

Yesu ashaka kudushitsa kurugero rwa Se wiwe. Niyo ntumbero yiwe ko isezerano ry’Umuremyi rishitswa mubuzima bwacu: "N’uko Imana irema umuntu mwishusho yayo mwishusho y’Imana niho yamuremye; irema abantu bari uburyo bubiri." (Itanguriro1:27). Yesu wenyene ni we ashobora kuvuga, "Ubonye Jewe aba abonye Data" (Yohana14:9) Ashaka guhindura abigishwa biwe mwishusho yiwe.

Mw’Isezerano rya Kera Imana yategetse, "Uti mube abera kuko nanje ndi Uwera?" (Abarewi 11:44; 19:2) Niyo citegererezo gusa n’intumbero muburyo bw’impwemu kubantu bose Yahamagaye.

Mw’Isezerano rishasha Yesu ategeka, "Ni mukundane nkuko nanje nabakunze!" Agira urukundo rwiwe icitegererezo kuri twebwe. Yesu ubwiwe ni we tegeko ryacu. Paulo yandika ko twari dukwiye kwambara Yesu, icaremwe gisha. Twari dukwiye kwambikwa nawe. Dufise akaryo keza ko kuba muri Kristo. Iri jambo ryonyene ushobora kurisanga incuro zababa 175 mw’Isezerano rishasha. Paulo yatahuye iri banga n’uko rero umuntu wese iyari muri Kristo Yesu, aba ari icaremwe gisha: Ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha! ’’ (2Ab’ikorinto 5:17-21)

1.15 -- Itegeko rya Muhamedi

Amajambo ya Yesu: ‘’Mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose ‘’ ashobora gusomwa kandi muri Korowani ariko ahinyitse! Yamara, hari itandukaniro ridasanzwe hagati yitegeko ya Kristo n’itegeko rya Muhamedi. Ni ivyukuri ko hafi imirongo 500 muri Korowani yahiswemwo n’abarongozi bamashure 4 y’amategeko ya Islamu nk’ikintu ngenderwako kuri Shari’a yabo. Ariko harimwo imirongo turangiza idutangaza:

"Ntimugafate abanzi banjye n’abanzi banyu ngo mubagire inshuti cangwa ngo mugire ikintu icyo aricyo cyose mukorana nabo!" (Sura al-Mumtahana 60:1)

"Nimurongore ababashimishije mubandi bagore: babiri, cyangwa batatu cyangwa bane! Ni mutinya kudakoresha ubutabera, murongore umwe gusa" (Sura al-Nisa 4 :3)

« Kandi abagore mubonaho kutubaha mujye mubanza mubigishe munabagire inama, mubitarure muburyamo, mubakubite. » (Sura al- Nisa 4 :34)

« Akira sadaka baguha bayikiye mumitungo yabo, uyibasukurishe inabashoboze gutungana. » (Sura al- Tawba 9 :103)

« Umujura wi gitsina gabo n’umujura w’igitsina gore, mujye mubaca ibiganza byabo, ibyo ni igihano bahabwa kubera ibyo baba bakoze. » (Sura al –Ma’ida 5 :38)

Umuntu wese yogereranya itegeko rya Kristo n’itegeko rya Muhamedi yobona ko impwemu itarimwe muri ayo mategeko abiri. Mw’itegeko rya Muhamedi : ntarukundo rurimwo, ntagusubiza hamwe n’Imana, ntakwitangira abandi kandi ukwera kw’Imana s’icitegerezo kuri bose.

Mumpera, Muhamedi ubwiwe niwe tegeko. Ubuzima bwiwe (Sunna) bwafashwe nk’iyindi nkomoko mukurangiza gushiraho itegeko rya Islamu. Umu Islamu wese yategerezwa kubaho nkuko Muhamedi yabaho. Bitaruko ntaba ari umu Islamu nyawe. Muhamedi yagiye mungwano zo gusahura 29 kandi arongora abagore cumi na babiri canke barenga.

1.16 -- Intumbero y’ibanga ry’itegeko rya Muhamedi n’irya Yesu

Intumbero y’itegeko rya Islamu, Shari’a, ni ukubaho neza kw’umuryango wa Islamu (umma), rikanashingwa nk’idini rya Reta, iyoborwa n’aba Islamu. Islamu si idini ritandukanya ivy’ukwizera n’ivya poritike. Rishobora gukora neza igihe rishingiye kuri Sheri’a. Kurundi ruhande Shari’a ishobora gushirwa mungiro muri Reta ya ki Islamu. Intumbero ya Islamu iguma ari idini rya Reta. Ubundi buryo bwose Islamu irabwa nk’iyigitangura.

Kristo avuga ati, "Ubwami bwanje si ubw’iy’isi!" (Yoh18:36-37). Ishengero ryiwe, kimwe nabo yahamagaye abakuye mumahanga yose, bagize ubwami bwiwe bw’impwemu aho bari. Ubumwe bw’abigishwa biwe niyo ntango y’ubwami bwiwe budashira (Yoh13:34-35). Basabwa kuba umunyu w’isi n’umuco mumahanga. Itegeko rya Yesu si iriza gushinga idini rukristo rishingiye kuri Reta ariko nuguhindura abamukurikiye ngo bitondere ivyo yabageze vyose ngo bazane impinduka mukibana no muri Reta.

1.17 -- Ndikumwe namwe!

Iyo intumwa ya Yesu ijanjaguritse mu mutima hama igatahura ko idashoboye kandi ko itabibereye igaca ivyatura, Yesu aca ayibarira ati, "Ugurura amaso! Raba! Ndi hano! Ndi muzima! Ndiho! Nsindagusiga wenyene! Ndagukunda! Ndagufasha! Nzogufata ukuboko gushika kw’iherezo!"

Bivugwa ko Yesu igihe kimwe yeretse munzozi umwe mubamukurikira amakanda yaho ibirenge vyaciye mumusenyi utose asigura ati, ‘’Raba naguherekeje kuva kera. ” Igihe ikanda rya kabiri ryahonyowemwo n’ikirenge cazimangana kuntambwe y’ahantu hagumye, uwo arota asanuwegereye aramubaza ati,’’ Kuki wansize jenyene mugihe nari ngukeneye cane? ’’Umwami Yesu aramwishura ati, Narakureruye kugera ibihe bibaye vyiza. ’’Urukundo rwa Yesu rurahambaye kuruta uko twibaza. Yizeza intumwa ziwe "Ntawushobora kubanshikura mukiganza!" (Yoh 10:28). Ukwamaho kwa Yesu mushobora vyose nokubera hamwe icarimwe vyategerezwa kudutera intege kugira dushikame mu kwizera ngo tubandanye gukorera imbere yiwe.

1.18 -- Kugera kumpera y’isi

Uyu musi ibihumbi vy’abajanabutumwa mvamakungu mbere n’abandi bakristo b’imvukira mubihugu vyinshi barakorera Umwami Yesu mubwizigirwa, mbere no mubihugu bitegekwa n’impwemu ya Antikristo. Amashengero yaraturiwe aratokombera kandi abakristo baracokorwa, baranahamwa. Bamwe barahunze kandi baranakubagurwa. Bamwe barinyegeje. Bameze nk’abataye ubwenge kubera ubwoba.

Ariko Yesu avuga ati, "Ibibarwanya vyabanje kungwanya!" Ububabare bw’urugingo rumwe ubwambere bushikira ubwonko, imbere y’uko umubiri wose ubwumva. Yesu, nk’umutwe w’ishengero, ababara ubwambere imbere y’uko intumwa ziwe zibabara, imbere y’uko ubwazo ziwumva (ivyak 9:4-5). Ntanumwe muri twebwe ari wenyene. Umwagazi w’intama w’Imana agendana natwe murugendo rw’imibabaro gushika kw’iherezo. Uyu musi hariho imibabaro myinshi n’uguhimbazwa kwa Yesu kuruta uko tuzi.

1.19 -- Kugera ku musi w’imperuka

Mw’ibatizwa ryawe Yesu yaguhaye amasezerano yo kugumana nawe buri munota mubuzima bwawe, mugihe wogumana nawe mugikorwa ciwe. Mbere haba no mubikomeye no kwisaha y’urupfu akuba hafi. Akwemeza ati, "Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Unyizera niyo yoba yarapfuye, azobaho; kandi uriho wese anyizera ntaho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo?" (Yoh11:25-26). Yesu ashaka kukujana agushitse mumyaka y’ubusaza bwawe kandi ngo agumane nawe, mbere naho woba wasezeye isi. (Zab23:4-6).

1.20 -- Allah yoba arikumwe n’aba Islamu biwe?

Muri Korowani haranditseko Muhamedi yahunze ava i Maka aja i Medina, hama yinyegeza mw’isenga abwira Abu bakr,’’ Nukuri, Allah ari kumwe natwe!’’ Nyuma yaho aba Islamu bari bahamwa baca bumva baremye. (Sura al-Tawba 9:40).

Nubwo vyari uko, uyu Allah, bavugako yaremesheje Muhamedi, si Imana y’ukuri kuko Allah avuga incuro 17 muri korowani ko atamwana agira kandi ko Kristo atigeze apfa kumusalaba (Sura al-Nisa4:157). Data Se wa Yesu Kristo ntarikumwe n’aba Islamu. Bahakana urupfu rwa Yesu rwaducunguye bakita impwemu itazwi, yitwa Jibril (Gaburieri) ko ari Mpwemu Yera. Impwemu igendesha aba Islamu ibajana mubwansi bwokwankana n’aba Kristo. Turizerako hambamvu y’Imana Data, Imana Mwana, Imana Mpwemu Yera atayindi Mana iriho.

1.21 -- Amajambo vyose (4) bwose mu gikorwa nyamukuru

Yesu ahora ari muzima yemeza abigishwa biwe ko yahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi. Rero, bakwiye kugenda guhindura amahanga yose abigishwa bababatiza mw’izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera. Bigishe abizeye kwitondera ivyo yabageze vyose; aca yemerera intumwa ziwe ko azoba arikumwe nabo imisi yose gushitsa kumuhero w’isi.

Yesu agutera intege kwizere ayo majambo ane yunze ubumwe no gushira mungiro ivyagezwe vyiwe. Azogufasha kuyitondera, kandi ntamukozi wiwe numwe asiga wenyene.

1.22 -- Ibibazo

Mwenenedata Musomyi!

Nimba wize neza aka gatabu, urashobora kwishura ibibazo vyoroshe ibibazo bikurikira. Umuntu wese yishura neza 90 kw’ijana y’ibibazo vyose muri ubu butabo umunani vyo muri uru rukurikirane, ashobora guhabwa urupapuro rw’umutsindo rw’ikigo cacu.

Inyigisho Zisumbuye
Munzira zifasha mukugiranira ibiyago n’aba Islamu Kuvyerekeye Yesu Kristo

nk’ibigutera intege mubikorwa vya kazoza kuri kristo.

  1. Niki Yesu atanga kubari mw’isi yose amaze gupfa no kuzuka?
  2. Ninde abereye kuba intumwa ya Yesu Kristo?
  3. Kuki Yesu aha igikorwa gikomeye abigishwa harimwo n’abagikekeranya?
  4. Bisigura iki Yesu yahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi?
  5. Kiki Imana Data wo mw’ijuru atagize ubwoba kuri Yesu ko ashobora kumwigumurako amaze kumuha ububasha bwose?
  6. Kuki Yesu ategeka abamukurikira ngo ‘Genda’ atari ‘Kwiyicarira’?
  7. Nigute woronka umuntu arorereye intahe yawe kandi wovugana nawe gute?
  8. Nigute wokwiyegeranirizako abigishwa? Abatwuviriza twobaha iki?
  9. Kuki igikorwa nyamukuru kidutuma ku bana ba Ishimayeri no ku bana ba Yakobo? Ni ibihe bihugu canke amadini atari muri uwu mugambi w’Imana?
  10. Ni abantu bangahe kw’ijana kw’isi yose biyita abakristo uyu musi? Ukwo kuri gusigura iki kuri wewe?
  11. Kubatizwa mw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mpwemu Yera bisigura iki?
  12. Nigute ubumwe bw’ubutatu bweranda buboneka mu gikogwa nyamukuru?
  13. Nigute woshobora kuronka ububasha n’ubuyobozi mubikorwa ukorera Kristo?
  14. Kuki umubatizo no kuvuka ubwakabiri atari iherezo ariko ari intango y’ubuzima rukristo?
  15. Ni irihe tandukaniro riri hagati yo kwigisha abatari aba kristo no kwigisha abizeye? Ivyo vyoshobora gusigura iki iyo muvugana n’aba Islamu?
  16. Ni ibihe vyigwa twokwigisha abizeye bakabatizwa?
  17. Ni amategeko angahe ya Yesu dushobora gusanga mubutumwa bwiza bune? Ni ayahe muri ayo ubonako ahambaye ku mu Islamu?
  18. Ni irihe tandukaniro riri hagati yo gutsindanishirizwa n’ukwizera kwonyene utisunze ugukenerwa kw’ibikorwa vyiza  biciye mukwumvira  kw’ukwizera nk’ingabire y’ubuntu?
  19. Nikihe citegererezo conyene kuvyagezwe vyo mw’isezerano rishasha?
  20. Kuki itegeko rya gatatu ryo mu gikorwa nyamukuru rijanjagura ubwibone bw’umwigisha uwo ariwe wese, umweranda n’umukozi iyo ari umwizigirwa ubwiwe?
  21. Ni gute Yesu asezeranya ati,’’ Raba, ndikumwe nawe?’’ 
  22. Kuki Yesu asezerana kubana namwe hose ibihe vyose iyo umukoreye mw’izina ryiwe?
  23. Kuki umu Islamu yizera ko Kristo ('Isa) ari muzima ari kwa Allah?
  24. Ni kuki bidashoboka kumu Islamu ko imana zibiri zibana mumahoro ibihe bidashira? Kuki ivyo atari ingorane kuba Kristo?
  25. Andika igikorwa nyamukuru c’aba Islamu (mu Kirundi) bikenewe shirako aho wabikuye (Sura, n’umurongo) ca ugereranya n’igikogwa nyamukuru cahawe abakristo.
  26. Ni mu bice ibihe n’ibihugu aba Islamu bagwiriyemwo muri vya bihuhusi vy’ikwiragizwa kandi bangana gute kw’isi uyu musi? Mbega aho mugihugu iwanyu haba aba islamu bangana gute?
  27. Mbega kumu Islamu bisigura iki kwihanganira abanywanyi babo n’ayandi madini kandi ukwo kwihangana kugera he? Ni ryari batangura kutihangana?
  28. Kuki Muhamedi Yihakana Ubumwe bw’Ubutatu?
  29. Mbega Korowani ivuga iki kumubatizo rukristo?
  30. Ni irihe tandukaniro hagati y’Itegeko rya Muhamedi (Shari'a) n’itegeko rya Kristo mu butumwa bwiza?
  31. Ni iyihe ntumbero y’itegeko rya Islamu kandi ni iyihe ntumbero y’itegeko rya Kristo?
  32. Bisigura iki ku mu Islamu ko Muhamedi ariwe citegererezo ku vy’itegeko rya Islamu?
  33. Kuki Muhamedi atasezeraniye abigishwa biwe: "Raba, ndikumwe namwe gushika kumuhero w’isi?"
  34. Iri jambo "vyose" incuro zine risigura iki mu gikorwa nyamukuru?

Umuntu wese yishuye ibi bibazo ararekuriwe gukoresha ikindi gitabu ashoboye kuronka mbere no kubaza umwizigirwa azi neza mugihe ariko arishura. Turarindiriye inyishu zanyu munyandiko wanditseko aho ubarizwa canke e-mail. Turagusengera Yesu Umwami ahoraho, ko yoguhamagara, akagutuma, akagukomeza, akakurinda akabana nawe buri musi mu misi yawe yo kubaho kwawe kwose!

Abo musangiye umurimo,

Abd al-Masih na bene Data.

Rungika inyishu zawe kuri:

GRACE AND TRUTH
P.O.Box 1806
70708 Fellbach
GERMANY

Canke e-mail:

info@grace-and-truth.net

www.Grace-and-Truth.net

Page last modified on September 20, 2022, at 04:49 AM | powered by PmWiki (pmwiki-2.3.3)